IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO
Imyiyerekano woba ari wo muti?
Ivyabona vya Yehova, ari na bo basohora iki kinyamakuru, ntibagira aho bahengamiye mu vya politike. (Yohani 17:16; 18:36) Ku bw’ivyo, naho iki kiganiro kivuga uburorero budomako bw’imigumuko yabaye, nta gihugu na kimwe gishigikira canke ngo kigire aho gihengamiye ku kibazo na kimwe ca politike.
KU WA 17 Kigarama 2010, Mohamed Bouazizi yari ageze aho yumva ko atagishoboye kuvyihanganira. Uwo muntu w’imyaka 26 yadandariza mu mabarabara yo muri Tiniziya, akaba yarababazwa no kubona ata kazi keza afise. Yari azi kandi ingene abategetsi basaba ibiturire. Kuri uwo musi mu gitondo, abagenduzi bo muri Leta barafashe imihwi, amapome be n’ibindi vyamwa vyo mu bwoko bw’amapome Mohamed yariko aradandaza. Igihe bamwaka umunzane wiwe, yarabankiye, kandi bamwe mu babonye ingene vyagenze bavuga ko hari umupolisikazi yaciye amukubita ikofe.
Bamaze kumumaramaza gutyo, yararatse aca aja kwitwara ku biro vya Leta vyari hafi, ariko ntibamwumviriza. Bivugwa ko igihe yari imbere y’iyo nyubakwa yasemereye ati: “None mushaka ko mbaho gute?” Yaciye yisukako igitoro, aca afata ikibiriti aridomeka. Hadaciye n’indwi zitatu, yaciye apfa ahitanywe n’ubwo bushe.
Ico kintu Mohamed Bouazizi yagize abitumwe n’ukwihebura, carababaje cane abantu bo muri Tiniziya be n’abo mu yindi mihingo. Abeshi babona ko ico ari co cabaye imbarutso y’imigumuko yatembagaje Leta y’ico gihugu be n’imyiyerekano yo kwiyamiriza amaleta yaciye ikurikira mu bihugu vy’Abarabu. Inama nshingamateka y’Abanyaburaya yarahaye Bouazizi be n’abandi bantu bane agashimwe k’abarwaniye ubwigenge bwo gushikiriza ivyiyumviro kitiriwe Sakharov ko mu 2011. Ikinyamakuru kimwe c’i Londres mu Bwongereza (The Times) na co cavuze ko Bouazizi ari we muntu cahariye umwaka wa 2011.
Nk’uko ako karorero kavyerekana, imyiyerekano irashobora kugira inguvu zidasanzwe. Ni igiki none catumye haba imyiyerekano myinshi muri iki gihe? Hoba hariho uwundi muti?
Kubera iki imyiyerekano yagwiriye ukuraho?
Imyiyerekano itari mike iva kuri ibi bintu bikurikira:
Kudashima ingene inzego zikora. Iyo abanyagihugu babona ko intwaro ikora ku bw’ineza yabo be n’uko ubutunzi bw’igihugu bukoreshwa ku bw’inyungu zabo, usanga ari gake biyumvira kugira imyiyerekano, kuko bisunga uko ibintu biba vyifashe kugira batorere umuti ingorane bafise. Ariko igihe abanyagihugu babona ko izo nzego zirangwa n’ibiturire n’akarenganyo be n’uko zorohereza abantu bamwebamwe gusa, birashobora gutuma bagumuka.
Imbarutso. Akenshi haraba ikintu kigaca gituma abantu babona ko bakwiye kugira ico bakoze aho kuguma bemera uko ibintu vyifashe. Nk’akarorero, ivyashikiye Mohamed Bouazizi vyatumye amasinzi y’abantu agira imyiyerekano yo kwiyamiriza Leta muri Tiniziya. Mu Buhindi na ho, hari umuntu aharanira amahinduka mu kibano yitwa Anna Hazare yanse gufungura mu ntumbero yo kwiyamiriza igiturire, maze ivyo bituma abamushigikiye bagira imyiyerekano mu bisagara 450.
Nk’uko haheze igihe kinini Bibiliya ibivuze, tubayeho mw’ “isi, aho usanga abantu bamwe bafise ububasha, abasigaye bagakandamizwa na bo.” (Umusiguzi 8:9, Good News Translation) Ibiturire n’akarenganyo vyarabaye umurengera muri kino gihe kuruta igihe ayo majambo yavugwa. Vyongeye, muri iki gihe abantu baramenya cane ingene inzego za politike be n’iz’ubutunzi zibahemukira. Amatelefone, Internet n’amakuru ashikirizwa n’ibimenyeshamakuru amasaha 24 kuri 24, biratuma abantu bo mu mihingo myinshi y’isi bamenya ibiba no mu turere twa kure cane tw’isi, bagaca bagira ico bikoze.
Imyiyerekano yashitse ku ki?
Abashigikira ivy’imigumuko boshobora kuvuga yuko imyiyerekano yashitse kuri ibi bintu:
Yarorohereje abakene. Muri ca kiringo ivy’ubutunzi vyashika ahatemba mu myaka ya 1930 muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, imigumuko y’abapangayi yabaye mu gisagara ca Chicago co muri Leta ya Illinois, yatumye abategetsi b’ico gisagara bahagarika ingingo yo kwirukana nya bapangayi bongera baraha akazi bamwebamwe muri bo. Imyiyerekano nk’iyo yabaye mu gisagara ca New York yaratumye imiryango 77.000 yari yirukanywe isubizwa mu mazu yari ipanzemwo.
Yararwanije akarenganyo. Kuba mu mwaka wa 1955 ushira uwa 1956 hari abanyagihugu banse gufata amabisi mu gisagara ca Montgomery, i Alabama, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, vyatumye amategeko yashigikira ivyo kwicara muri bisi hisunzwe ibara ry’urukoba afutwa.
Yarahagaritse imigambi yo kwubaka. Muri Kigarama 2011, abantu ibihumbi mirongo baragize imyiyerekano yo kwiyamiriza ko hafi ya Hong Kong hubakwa ihinguriro rihingura umuyagankuba mu bizuku kuko batinya ko vyokwononye ibidukikije, maze uwo mugambi uca urahagarikwa.
Naho abagira imyiyerekano bamwebamwe boshika ku co bipfuza, Ubwami bw’Imana ni wo muti nyawo
Ariko ntiwumve, abagira iyo myiyerekano ntibama baronka ivyo basaba. Nk’akarorero, abategetsi barashobora guca babamerera nabi aho gushira mu ngiro ivyo babasaba. Nk’akarorero, mu misi iheze hari umukuru w’igihugu kimwe co mu Karere k’ibihugu vy’Abarabu yavuze ku bijanye n’abari mu migumuko ati: “Ni ukubahasha,” kandi iyo migumuko yarahitanye abantu ibihumbi n’ibihumbi.
Naho abagira imyiyerekano boshika ku co bipfuza, ntihabura guca haduka izindi ngorane. Umugabo umwe yafashije gutembagaza ubutegetsi mu gihugu kimwe co muri Afrika yabwiye ikinyamakuru kimwe (Time) ku bijanye n’ubutegetsi bushasha bwari bwahagiye ati: “Icizigiro twari dufise nticatevye gukamangana, hasigara hari akajagari.”
Hoba hariho umuti uruta uwo?
Abantu bazwi cane benshi babona ko kugira imyiyerekano yo kwiyamiriza inzego zibacinyiza ari ikintu bategerezwa gukora. Nk’akarorero, umuhisi Václav Havel, uwahoze ari umukuru w’igihugu ca République tchèque, akaba yamaze imyaka myinshi mw’ibohero azira ibikorwa vyo guharanira agateka ka zina muntu, mu 1985 yanditse ati: “Nta kindi [uwutavuga rumwe na Leta] ashobora gutanga atari ubuzima bwiwe, kandi abutanga kubera gusa ata bundi buryo afise bwo kwerekana ko arwanira ukuri.”
Ivyo Havel yavuze vyararangukiye ku bintu Mohamed Bouazizi hamwe n’abandi bakoze babitumwe n’ukwihebura. Mu gihugu kimwe co muri Aziya, abantu nka mirongo baraherutse kwiha umuriro kugira ngo biyamirize ugucinyizwa mu vya politike no mu vy’idini. Mu gusigura igituma bashika aho bakora ivyo bintu, hari umugabo yabwiye ikinyamakuru kimwe (Newsweek) ati: “Nta nkoho dufise. Nta muntu twipfuza kugirira nabi. None wumva ikindi kintu umuntu yokora ari igiki?”
Bibiliya irerekana umuti w’akarenganyo, igiturire be n’agacinyizo. Iravuga ivyerekeye intwaro Imana yashinze mw’ijuru izosubirira inzego za politike n’iz’ubutunzi zananiwe gutorera umuti ingorane z’abantu, bigatuma bagira imyiyerekano yo kuziyamiriza. Hari ubuhanuzi buvuga ivyerekeye Umutware w’iyo ntwaro buti: “Azorokora umworo atabaza, n’umurushwa be n’uwo wese atagira gifasha. Ubuzima bwabo azobucungura abukize agahahazo n’ubukazi.”—Zaburi 72:12, 14.
Ivyabona vya Yehova baremera yuko Ubwami bw’Imana ari co kintu conyene abantu bakwiye kwizigira ko kizobazanira amahoro kw’isi. (Matayo 6:9, 10) Ni co gituma Ivyabona vya Yehova bataja mu myiyerekano. Ivy’uko intwaro yashinzwe n’Imana yoshobora gukuraho ibintu vyose bituma haba imyiyerekano, wumva bishoboka? Hari aho wobona ko bidashoboka. Ariko rero, hari abantu benshi bamaze kwerekana ko bizigira ubutegetsi bw’Imana. Ubona gute ufashe akanya ukavyisuzumira?