UDUKURU TW’IRYA N’INO
Mu Buswise
Icigwa cagizwe mu Buswise kivuga ko abantu barengeje imyaka 60, bishoboka rwose ku rugero rw’ibice 14 kw’ijana ko bazopfa ku musi bavukiyeko aho gupfa ku yindi misi. Igitigiri c’abantu muri rusangi bahitanwa n’ingorane y’umutima usanga ciyongera ibice 18 kw’ijana ku musi bavukiyeko. Igitigiri c’abagore bagira ingorane y’ubwonko, kuri uwo musi ciyongera ibice 21 kw’ijana, ic’abagabo biyahura na co kikiyongera ibice 35 kw’ijana. Abanyasiyansi biyumvira ko kugira imyitwarariko birenze be no kunywa inzoga biri mu bintu bituma igitigiri c’abiyahura be n’amasanganya kiduga. Ariko rero, hariho abahinga batemera ibiri muri ico cigwa, bakabona ko kuba amatariki abantu benshi bapfiriyeko ahuye n’ayo bavukiyeko vyoba vyavuye ku kwihenda.
Muri Israyeli
Abagabo bezabeza bashize ifoto yabo ku rupapuro rw’umwidondoro wabo baragize amahirwe menshi yo kubazwa ibibazo vyo kwinjira mu kazi; ariko abagore bezabeza bobo baronse amahirwe make. Uti kuki? Abashakashatsi bo muri Israyeli biyumvira yuko ivyo vyavuye ku kuba abagize inzego zihitamwo abobazwa ivyo bibazo usanga ahanini ari abagore. Ikinyamakuru kimwe (The Economist) kivuga ko insiguro “ibabaje” y’ivyo ari uko “ishari ari ryo ryatumye abo bagore bakumira abagore bezabeza basaba akazi.”
Muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika
Hari umubikira umwe w’imyaka 82 hamwe n’abandi bagenziwe babiri b’imyaka 63 na 57 baherutse kumenera barinjira mu kibanza citwa Oak Ridge, muri Leta ya Tennessee, ikirimwo amatoni 100 y’ibintu vy’ubumara ruhonyanganda. Abo bantu batatu baranditse amajambo yo kwiyamiriza intambara ku nyubakwa imwe mu ziri ng’aho. Umunyamabanga mukuru w’amasôko ntanganguvu Steven Chu avuga ko ukudakaza umutekano w’ahantu “habwirizwa kuba mu bibanza vyo kw’isi bicungerewe cane” ari ikintu “giteye ubwoba rwose.”
Muri Ostraliya
Sentare ntahinyuzwa y’ico gihugu isaba amahinguriro y’itabi gukura ku mapake y’itabi amabara n’ivyandiko biranga amatabi bahingura. Ubu amatabi yose ategerezwa gushirwa mu mapake y’ibara ritaryoheye ijisho rija gusa n’urwatsi rubisi ruzize, ayo mapake agashirwako amashusho yerekana neza ingaruka zo kunywa itabi.