ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 4/13 rup. 3
  • Udukuru tw’irya n’ino

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Udukuru tw’irya n’ino
  • Be maso!—2013
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Muri Leta zunze ubumwe za Amerika
  • Mu karere ka Antarctique
  • Mu Buholande
  • Mu Budagi
  • Udukuru tw’irya n’ino
    Be maso!—2013
  • Udukuru tw’irya n’ino
    Be maso!—2014
Be maso!—2013
g 4/13 rup. 3

UDUKURU TW’IRYA N’INO

Muri Leta zunze ubumwe za Amerika

Mu ndwi itangura ku wa 29 Gitugutu 2012, igitigiri c’abakora ubwicanyi n’ibindi vyaha bikomakomeye be n’ubusuma mu gisagara ca New York caragabanutse rwose ugereranije n’ivyabaye mu kiringo nk’ico nyene c’imisi itanu mu 2011. None vyavuye ku ki? Vyavuye ku gihuhusi gikomeye cane citwa Sandy cabiciye biracika mu buseruko bwa Leta Zunze Ubumwe za Amerika, bigatuma umuyagankuba ubura ahatari hake. Umuvugizi w’igipolisi c’i New York yitwa Paul Browne yavuze ati: “Iyo hateye icago c’icaduka canke ikindi cago gikomeye nka [ca gitero ca ba gaterabwoba caba ku wa 11 Nyakanga 2001], ubukozi bw’ikibi bukomakomeye buragabanuka.” Ariko rero, igitigiri c’abasagasi cariyongereye, ivyo bikaba bidatangaza uwo muvugizi Browne. Yavuze ati: “Mu duce twinshi ntihabona kubera ingorane y’umuyagankuba.”

Mu karere ka Antarctique

Abanyasiyansi barahagaritswe umutima n’uko mu karere gakikuje isonga ry’epfo ry’isi kitwa Antarctique, ibimera kavukire vyaho biriko biravogerwa n’ibimera vyo mu tundi turere. Ibiharuro vyerekana yuko buri mwaka, umwumwe wese mu bantu ibihumbi n’ibihumbi bagendera ako karere ajanayo utubuto nka 9,5 akenshi nya tubuto tukaba tuba turi ku birato vyabo canke ku masakoshi yabo. Hari ubwoko bw’ibimera vyo mu tundi turere basanze mu karere ko mu burengero bw’agace ka Antarctique kinjira mu mazi.

Mu Buholande

Umukenyezi umwe w’imyaka 83 ni we muntu wa mbere bashizemwo umubangabanga wahinguwe mu butare bwitwa titane, ukaba wafyatuwe n’imashini y’ubuhinga buhanitse ikoresha imishwarara yitwa lazeri (laser). Naho umubangabanga w’uwo mukenyezi wari warononekaye kubera indwara yonona amagufa, ubu arashobora gufungura, guhumeka no kuvuga nk’uko yahora. Mu guhingura uwo mubangabanga, iyo mashini yagiye iragerekeranya uduhimbahimba tw’ubwo butare ibanje kudushongesha, mu nyuma abaganga baca bawushira muri uwo mukenyezi.

Mu Budagi

Haraheze umwaka umwe Leta y’Ubudagi itanze itegeko ryo kutanywera itabi mu bibanza bimwebimwe bihuriramwo abantu benshi. Ku mugwi umwe w’abantu wagizweko itohoza, basanze muri ico kiringo igitigiri c’abashirwa mu bitaro kubera ububabare bwo mu gikiriza caragabanutse ibice 13,3 kw’ijana, ic’abajayo kubera indwara y’umutima na co kigabanuka ibice 8,6 kw’ijana.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika