ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 12/12 rup. 12-13
  • Inka savyoya

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Inka savyoya
  • Be maso!—2012
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ivyoya vyayo bidasanzwe
  • Iyo nka ni kirumara
  • Uragaba
  • Ibirimwo
    Be maso!—2012
Be maso!—2012
g 12/12 rup. 12-13

Inka savyoya

NIWAKUBITA ijisho inka ikomeye ifise amahembe ateze, ivyoya birebire birekera hejuru y’amaso be n’ivyoya vyinshi cane bishinyaraje ku mubiri wose, uzoce umenya ko ari inka yo mu misozi yo mu gihugu ca Ekose.

Ubwo bwoko bw’inka zikomeye zo mu misozi yo muri Ekose buri mu bwoko bw’inka bwa kera cane kuruta ubundi, bukaba bumaze imyaka amajana n’amajana buba mu misozi no mu mazinga y’ico gihugu naho ikirere caho kitoroshe. Kera, inka zarisha mu misozi ya kure cane zari nininini kandi zigasa n’inginagina, izo mu mazinga yo mu burengero bw’ico gihugu na zo zikaba zari ntonto kandi kenshi wasanga zirabura. Muri iki gihe, izo nka z’ubwoko bubiri abantu babona ko zigize ubwoko bumwe, kandi zifise amabara atandukanye: uri iritukura, iryirabura, iry’inginagina, iry’umuhondo n’iry’igitare.

Naho ivyoya vyayo birekera ku maso bisa n’ibitwengeje, birayifitiye akamaro kanini. Mu rushana, birayikingira umuyaga, imvura n’urubura rw’ifu bikomeye. Mu ci na ho, birayikingira udukoko tuguruka dushobora kuyitera indwara.

Naho umugwi w’inka ukunze kwitwa ubusho, aho muri Ekose hoho umugwi w’izo nka zo mu misozi witwa uruhongore. Iryo zina ryakomotse ku mpongore za kera zari zubakishijwe amabuye, mugabo ku ruhande rw’imbere zikaba zari zisamaye. Ababa bakotesheje izo mpongore, mw’ijoro barinjiza ubusho bwabo muri izo mpongore bakazirarīra. Ivyo babikora kugira ngo bakingire ubwo busho amabingira n’imbeho ikomeye.

Ivyoya vyayo bidasanzwe

Kimwe mu bintu izo nka zisangije ni uko zifise ivyoya vy’ubwoko bubiri bigerekeranye. Ivyoya vy’inyuma bishinyaraje ni birebire, bikaba bishobora gushikana santimetero 33. Ivyo vyoya binyerera cane birayikingira imvura n’urubura rw’ifu. Munsi yavyo, hari ivyoya vyoroshe bituma iyo nka iguma isusurutse.

Uwitwa Jim, uno akaba amaze imyaka myinshi yorora izo nka, yavuze ati: “Biragoye cane kwoza izo nka n’isabuni, kuko bisa n’ibidashoboka ko amazi anyengetera mu vyoya vyazo!” Kubera ivyo vyoya, izo nka ziribera mu misozi ibarizwako imvura nyinshi n’imiyaga ikanye cane zikongera zikahavyarira, aho hantu akaba ata nka z’ubundi bwoko zoshobora kuhaba.

Mu ci, iyo hashushe cane, iyo nka ica ihuza n’uko ibintu vyifashe igaca ituma nya vyoya vy’inyuma bikoroka. Ikindi gihe, hasubiye gukanya, ica ituma hamera ivyoya bishasha.

Iyo nka ni kirumara

Hari ukuntu intama usanga zonona ibimera mu kurisha imizi yavyo be n’imivyaro yoroshe, ariko inka zozo ntizibikora, ushizemwo n’izo zo mu misozi. Ahubwo riho, izo nka zo mu misozi ziratuma aho zirisha harushiriza kumera neza. Uti gute? Zikoresheje amahembe yazo maremare kandi akomeye hamwe n’umunwa n’izuru vyazo, zirakuraho ibisaka ata co bikimaze usanga inka z’ubundi bwoko zitegera. Ubwo buryo bwo kuhasukura butuma hamera ibindi vyatsi be n’ibiti bishasha.

Kuba iyo nka ifise ivyoya vy’ubwoko bubiri ni ngirakamaro cane no mu bundi buryo. Kubera ko iyo nka idakenera kuba ifise ibinure vyinshi kugira ngo igume isusurutse, inyama zayo tuzigereranije n’iz’inka isanzwe usanga zirimwo ibinure bike hamwe n’urugero rutoyi rw’ikinure citwa cholestérol, mugabo zikagira indemamubiri nyinshi be n’ivyunyunyu vyitwa fer vyinshi. Vyongeye, kugira ngo haboneke iyo nyama nziza cane, si ngombwa ngo iyo nka irinde kugaburirwa ibintu bizimvye.

Uragaba

Kuva kera na rindi, izo nka zamye zibana n’abantu. Abanyekose ba kera baraza izo nka mu gice co hasi c’inzu zabo. Ivyo vyaraheza bigasusurutsa igice co hejuru cabamwo abagize umuryango.

Naho muri rusangi inka usanga zitekereza, rimwe na rimwe izo nka zo mu misozi zirashobora gutera akaga. Nk’akarorero, inka yavyaye yoshobora gukara cane kugira ngo ikingire inyana yayo. Vyongeye, umuntu arakwiye kwiyubara ntace hagati mu ruhongore rwazo ahubwo agaca inyuma.

Kuba iyo nka ishobora kuba aho ari ho hose vyaratumye ikwiragira hirya no hino kw’isi. Irasangwa mu buraruko bwa Alaska no mu bihugu vyo mu buraruko bwa Buraya vyitwa Scandinavie, kandi umuntu arashobora kuyisanga irisha ku metero 3.000 z’uburebure mu misozi ihanamye yitwa Andes. Ariko kandi no mu turere dushushe irahaba ata ngorane.

Igihugu ca Ekose kirazwi cane kubera ibitambara vyaho bihingurwa mu bwoya vyitwa tartans, impuzu zaho zitwa kilts zimeze nk’amajipo akenyerwa, be n’imyironge y’isaho, tutibagiye n’izo nka nziza cane zo mu misozi yaho zitigera ziyoberana. Woba uhora uzibona aho ubaye?

[Ikarata ku rup. 13]

(Ushaka igisomwa cose, raba ico gitabu)

EKOSE

IRLANDE YA RUGURU

IRLANDE

PAYS DE GALLES

UBWONGEREZA

[Ifoto ku rup. 12]

[Abo dukesha ifoto]

Wayne Hutchinson/​FLPA

[Ifoto ku rup. 13]

Inka yo mu misozi iri kumwe n’inyana yayo

[Abo dukesha ifoto]

© Positive image/​Alamy

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika