ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 11/12 rup. 9
  • 5 Nubahe indero nziza

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • 5 Nubahe indero nziza
  • Be maso!—2012
  • Ivyo bijanye
  • Bavyeyi, nimurere abana banyu mubigiranye urukundo
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Bavyeyi, nimufashe abana banyu gukunda Yehova
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2022
  • Imico runtu ngirakamaro vy’ukuri
    Be maso!—2013
  • Impanuro zo kwizigirwa zofasha abavyeyi kurera abana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
Ibindi
Be maso!—2012
g 11/12 rup. 9

5 Nubahe indero nziza

“Kera sinisunga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya, akaba ari co gituma bitanyorohera gutoza indero abana banje. Ariko ubu biranyorohera cane kubera ko nifashisha Bibiliya.”—ELIZABETH WO MURI AFRIKA Y’EPFO.

Ingorane. Akosho urwaruka ruhura na ko kw’ishure be n’indero runtu igenda iratituka muri iyi si biragira akosho gakomeye ku miryango. Kugira ngo abana bananire ako kosho kabi, barakeneye guhabwa ingingo ngenderwako nziza bokwisunga. Ahandi ho, biragoye ko boteba bakazoba abantu bakuze bitwararika ibintu, bari n’ico bibanga, kandi bigenza neza.

Inama ugiriwe. Abavyeyi benshi bireranye abana, ushizemwo n’abavuzwe muri ibi biganiro, baronderera ubuyobozi muri Bibiliya kuko bemera yuko irimwo ubukerebutsi ntangere bw’Imana. Nk’akarorero, rimbura ico Bibiliya ivuga ku bijanye n’ingingo ngenderwako ihambaye kuruta izindi zose, iyo na yo ikaba ari ukugaragaza urukundo nyakuri.

“Urukundo ruriyumanganya kandi rugira ubuntu. Urukundo ntirugira ishari, ntirwiyemera, ntirwivyimvya, ntirwigenza ukutabereye, ntirurondera inyungu zarwo bwite, ntirukaza ishavu. Ntiruza ruraharura ikibi rukorewe. Ntirunezererwa ibitagororotse, ahubwo runezeranwa n’ukuri. Rurenzako muri vyose, . . . rwizigira vyose, rwihanganira vyose. Urukundo ntirwigera runanirwa.”—1 Abakorinto 13:4-8.

Igihe abavyeyi bagaragaza mwene urwo rukundo, abana babo bica bibagendera neza. Umwe Colette yavugwa mu kiganiro kimwe c’imbere y’iki yanditse ati: “Akatari gake narabwira abana banje ko ndabakunda. Narababwira kandi ko ari ingabirano nahawe n’Imana, ko rero nari nkwiriye kubitwararika. Na bo rero babwirizwa kungaragariza urupfasoni kandi bakanyubaha, ivyo bakabigirira na se wabo [naho tutakiri kumwe]. Izo ngingo ngenderwako zaratumye i muhira harangwa ukwizigirana n’ukwubahana.”—Zaburi 127:3.

Wa muvyeyi twavuga yitwa Anna wo muri Polonye yanditse ati: “Iyo habaye ukutumvikana mu bana banje, nca ndabibutsa amajambo Yezu yavuze yuko ivyo dushaka ko abandi badukorera, ari vyo natwe dukwiye kubakorera.”(Matayo 7:12) Roberto, umwe twavuga mu kiganiro kimwe c’imbere y’iki, asangiye ikibazo n’abavyeyi benshi bireranye abana. Avuga ati: “Abana usanga babwirizwa guhitamwo indero bokwisunga hagati y’iyo ubaha n’iyo bahabwa n’uwundi muvyeyi wabo. Igihe ndabasavye kwisunga Bibiliya, nca menya ko kuri uwo musi canke muri iyo ndwi batazompa nirwere.” Yongerako ati: “Uwo wundi muvyeyi yoshobora kuza arabagabira utuntu kugira ngo abe ari we bakunda cane. Biragoye ko uwundi muvyeyi avyihanganira ngo na we ntagire kuno, mugabo rero kuyaga n’abana birashobora kugira ico bifashije.”

Naho bitama vyoroshe ko umuntu abaho yisunga ingingo ngenderwako za Bibiliya, kubigira vyama bivamwo ivyiza. Inabibondo umwe wo muri Afrika y’Epfo yireranye abana yitwa Sarah avuga ati: “Ndahimbarwa no kubona abana banje nabareze nisunze ubuyobozi buva kuri Yehova. Ni ivy’ukuri yuko twagiye turahura n’ingorane, ariko Imana yagumye ituba hafi.”

[Ifoto ku rup. 9]

Abavyeyi b’inkerebutsi barigisha abana babo ingingo ngenderwako nziza zo muri Bibiliya

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika