ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 11/12 rup. 7
  • 3 Nushinge ibikwiye kuja imbere y’ibindi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • 3 Nushinge ibikwiye kuja imbere y’ibindi
  • Be maso!—2012
  • Ivyo bijanye
  • Nokoresha neza gute amahera yanje?
    Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 2
  • Kwubaka Urugo Rukomeye mu vy’Impwemu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
  • Nukoreshe neza amahera yawe
    Be maso!—2025
  • Ushobora Kuyobora Urugo Gute?
    Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo
Ibindi
Be maso!—2012
g 11/12 rup. 7

3 Nushinge ibikwiye kuja imbere y’ibindi

“Nama numva ndushe, nkiyumvira ingene nobangikanya akazi, ukurera abana, ukwitaho ivy’Imana, udukorwa two muhira, be n’ukuruhuka.”—YOKO WO MU BUYAPANI.

Ingorane. Umwe Miranda twavuga mu kiganiro c’imbere y’iki, akaba ari inabibondo w’abahungu babiri, avuga ati: “Ingorane ikomeye kuruta zose ni ukuba inabibondo afise akazi akora, akagira n’ibanga ryo kuronsa abo mu muryango wiwe ivyo bakenera vyose kugira bamererwe neza ku mubiri, mu bwenge, mu mutima no mu vy’Imana, ivyo ukabikora ata mugabo ufise agufasha.”

Inama ugiriwe. Nurabe ibihambaye vy’ukuri kuri wewe no ku bana bawe, maze bibe ari vyo ushira imbere.

Niwumire kuri ivyo bintu, kandi bibe ari vyo wiga gushira imbere mu kuntu ukoresha umwanya wawe n’amahera yawe. Nk’akarorero, amagara y’abana bawe arahambaye, akaba ari co gituma amahera wabiriye akuya woyakoresha mu kubaronsa imfungurwa zirimwo ivya nkenerwa. Kubigenza gutyo biruta kuyakoresha mu kubavuza. Imbere yo kugira ico uguze, nubanze ugire urutonde rw’ivyo wogura. Ivyo bizokurinda kugura ivyo ubonye vyose. Uwitwa Roberto, akaba ari sebibondo w’abana bane aba muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, avuga ati: “Naho nkunda guteka, narize gushira imbere ivyo dukenera, aho gushira imbere ivyo twipfuza, na ho nyene ngashira imbere ivyo dukenera vy’ukuri ku musi ku musi, atari ivyo dukenera muri rusangi.”

Niwiremurure ibintu utigera ukoresha, vyaba ibitabu, impuzu canke ibindi bikoresho. Nk’uko inabibondo umwe yireranye abana yabivuze, “kugira ibintu vyinshi biratesha umutwe. Uko ugira ibintu vyinshi, ni ko birushiriza gukenerwa ko ubikorera isuku, ubisanasana ukongera ukabibungabunga. Niba ugomba kworosha ubuzima bwawe, nugabanye ibintu utunze.”

Numenyereze abana bawe kwama barara bashize ibintu vyabo ku rutonde. Ntureke ngo inzu yanyu yuzuremwo akajagari. Kubamenyereza ivyo, birabigisha kwitaho icumba cabo mbere n’inzu yose. Ariko rero, akarorero utanga muri ivyo kazotuma ivyo uvuga babifatana uburemere.

Naho woba ufise vyinshi ukora, utegerezwa kumarana n’abana bawe umwanya munini ushoboka, atari gusa kuza uracishamwo ukamarana na bo umwanya muto ngo mugabo ukawukoresha neza. Abana bawe barakeneye ko ubahebera umwanya ukongera ukabitwararika.—Gusubira mu vyagezwe 6:7.

Nimufungurire hamwe n’imiburiburi rimwe ku musi, kandi utume ico kiringo kiba igihimbaye. Uwitwa Colette, akaba ari inabibondo w’abana batatu aba mu Bufaransa, avuga ati: “Twashinze yuko igihe co kwihereza imfungurwa zo ku mugoroba, igihe twese turi muhira, coba igihe co guseruranira akari ku mutima no kuremeshanya mu vy’Imana. Ico kiringo carabaye ikidasanzwe ku muryango wacu kandi n’ubu ni ko bikiri.”

[Ifoto ku rup. 7]

Nimufungurire hamwe n’imiburiburi rimwe ku musi

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 7]

Amahera wabiriye akuya woyakoresha mu kubaronsa imfungurwa zirimwo ivya nkenerwa. Kubigenza gutyo biruta kuyakoresha mu kubavuza

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika