ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 10/12 rup. 15
  • Ubuhinga bw’ifunderi yo mu muyonga

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ubuhinga bw’ifunderi yo mu muyonga
  • Be maso!—2012
  • Ivyo bijanye
  • Ubuhinga bwo kumenya inzira bw’agakoko bita nyabumba
    Be maso!—2014
  • Ibirimwo
    Be maso!—2012
Be maso!—2012
g 10/12 rup. 15

Vyoba vyariyadukije?

Ubuhinga bw’ifunderi yo mu muyonga

● Ibikoko vyinshi biranka imiriro ya Nyakanga, ariko hari ubwoko bw’ifunderi yo mu muyonga buyikunda. Uti kubera iki? Kubera yuko ibiti biri mu miyonga ari ikibanza ako gakoko gakunda gutamwo amagi. Vyongeye, umuriro urirukana ibikoko bigahiga, ivyo bikaba bituma karya kakongera kakarondoka ata nkomanzi. Ariko none, kamenya gute ahari iyo miriro ya Nyakanga?

Rimbura ibi: Iruhande y’utuguru twako two hagati, hari utuntu tugomba kumera nk’utwoya dushobora kwumva imishwarara itaboneka (infrarouges) iva kuri iyo miriro. Iyo mishwarara ituma utwo tuntu dushuha, nya gakoko kagaca kagenda kayisunga gushika aho uwo muriro uri.

Mugabo ako gakoko karafise n’utundi duhimba tugafasha kumenya ko umuriro wadutse. Igihe ibiti gakunda bihiye, antene zako zirumva utuntu inzatsa tumwetumwe uwo muriro urungika mu kirere. Hari abashakashatsi bavuga ko gashobora gukoresha izo antene kugira gatore igiti kiriko kirafumba umwotsi ku metero 800. Gakoresheje ubwo buhinga bwose hamwe, biboneka ko ako gakoko gashobora kwumva no gutora umuriro wa Nyakanga uri ku bilometero birenga 48!

Abashakashatsi bizigiye ko ubuhinga bw’ako gakoko buzobafasha guhingura utwuma duhanitse dushobora kwumva ya mishwarara itaboneka (infrarouges) be n’umuriro. Mu twuma twumva iyo mishwarara twari tuhasanzwe, utwitwa ko duhanitse turashuha cane; abahinga rero bakaba babona ko ubuhinga bw’ako gakoko bushobora kubafasha guhingura utwuma dushobora gukoreshwa ahantu hatarinda gukanyishwa. Antene zako zarafashije abahinga gutora ubuhinga buhanitse bwo kumenya ko umuriro wadutse bushobora gutandukanya uduhimba inzatsa tuvuye ku muriro wa Nyakanga n’utuvuye ku bindi bintu.

Abashakashatsi baratangazwa cane n’ubuhinga budasanzwe ako gakoko gafise bwo gutora ahantu gata amagi. Uwitwa E. Richard Hoebeke, umuhinga yanonosoye ivy’utwo dukoko wo kuri kaminuza yitiriwe Cornell muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, abaza ati: “None utwo dukoko twakuye he ubuhinga bwo guta amagi muri ubwo buryo? Ibaze nawe ukuntu tuzi ibintu bike cane ku bijanye n’udukoko dufise ubuhinga buhanitse kandi butangaje bwo kumenya ibidukikije.”

None uvyibazako iki? Ubuhinga ako gakoko gakoresha mu kumenya ko imiriro ya Nyakanga yadutse bwoba bwariyadukije?

[Ifoto ku rup. 15]

[Abo dukesha ifoto]

Ifoto y’ako gakoko: © Stephen Luk

[Ifoto ku rup. 15]

Uduhimba dufasha ako gakoko kwumva ya mishwarara

[Abo dukesha ifoto]

uduhimba tugafasha kwumva ya mishwarara: © Volker Steger/Photo Researchers, Inc.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika