ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 10/12 rup. 12-14
  • Twariboneye imamfu amaso mu yandi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Twariboneye imamfu amaso mu yandi
  • Be maso!—2012
  • Ivyo bijanye
  • Ico twigiye ku batwa
    Be maso!—2004
  • Ibirimwo
    Be maso!—2012
  • ‘Ibiti vya Yehova birahaga’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
Be maso!—2012
g 10/12 rup. 12-14

Twariboneye imamfu amaso mu yandi

MW’ISHAMBA rya manyenye ryo muri Centrafrique hariyo ubutunzi kama abantu benshi batarakubita ijisho. Twagize urugendo rw’imodoka rw’amasaha 12 duca mu mayira mabimabi kugira dushikire ishamba cimeza rya Dzanga-Ndoki, ikibanza gishasha gikingiwe kibamwo ibikoko mu bumanuko bushira uburengero bw’ico gihugu, hagati ya Kamerune na Kongo (Brazzaville). Twashaka kubona imamfu yo mu biyaya vyo mu burengero bw’ico gihugu yitwa Makumba n’umuryango wayo.

Uwariko aradutembereza yatubwiye ngo tugume turi hamwe kandi ngo tugabe ku nzovu, kuko twari guca mu tuyira zikunze gucamwo zirondera ivyo zirya. Ariko rero, inzovu si zo gusa zari ziduhagaritse umutima. Uwariko aradutembereza yatugabishije ati: “Imamfu ibateye, muce muhagarara murabe hasi. Nta co iza kubagira uretse kuvuza urwamo gusa. Ntimuyirabe mu amaso. Mbere nasanze ari vyiza umuntu aciye ahumiriza.”

Twe n’uwariko aradutembereza twari tuyobowe n’umugabo azi gukurikira amakanda y’ibikoko wo mu muryango w’aba Aka, bikaba vyiyumvirwa ko bari mu bwoko bw’Abatwa kubera ukuntu basa be n’ubugufi bwabo. Uwo mugabo w’imvukira ni umuhanga: mbere n’ibikoko bizi kwinyegeza gute arashobora kumenya aho biri abonye gusa akantu gatoyi, kibure yumvise akamoto canke amajwi. Amarumbu y’imiyugīra yaradutonzeko. Vyaratugora kuguma tumukurikira ariko aratambuka ata ngorane muri iryo shamba rizitanye.

Bidatevye, wa mugabo yaratwinjije mw’ishamba rishasha rimaze guhonyorwamwo n’Abanyaburaya bake. Twagiye tubona ahagarara, maze atwereka n’amaboko ahantu hanini hafi y’inzira twarimwo. Twaciye tubona ibiti n’ivyatsi vyahundagaye ahantu abana b’imamfu bamye bakinira, turabona n’amashami yavunaguritse kandi akokoye, ivyo bikaba vyari ibisigarira vy’aho bamye bitangira umusase. Uko twabandanya urugendo, twaguma twibaza ibiri imbere.

Tumaze kugenda nk’ibilometero bitatu, wa mugabo yaratanguye gutambuka bukebuke. Kugira ntidutere ubwoba imamfu, yaciye atugirira ikimenyetso ngo duhagarare. Hafi yaho, twarumva uruyogoyogo ruherekejwe n’urwamo rw’amashami ariko araturagurika. Uwariko aradutembereza yaciye atwakura ngo twegere imbere. Yarashize urutoke ku munwa mu kudusaba ngo duceceke. Yadusavye ngo dusutame, aca atunga urutoke mu biti. Nko ku metero 8, twagiye tubona Makumba!

Uruyogoyogo rwari muri iryo shamba nta wamenye iyo ruciye: Nta kindi twasubiye kwumva atari imitima yacu yariko iradidagizwa. Ariko rero, twaguma twibaza duti: “Ubwo Makumba ntihava idusimbirako?” Makumba yarahindukije mu maso hayo hameze nk’urushato iraturaba, maze haciye akanya umengo iriko iradusuzuma, ica irayuza mu kuduha ikaze. Emwe, twaciye twiruhutsa!

Naho izina Makumba mu rurimi rw’aba Aka risobanura ngo “Umunyarutsi,” umwanya wose twamaranye na Makumba yagumye gusa yirira udufungurwa two mu gitondo. Iruhande yayo hari imamfu zibiri z’imikangara zaguma zinyinyurana zongera zidigadigana. Akana k’imamfu gafise amaso manini kitwa Sopo k’amezi cumi kaguma gakinira iruhande ya nyina Mopambi, ino ikaba yaguma igakwega igihe cose gashatse kuja kure yayo kubera urusaku rudahera. Izisigaye muri uwo muryango zaguma zitotora amashami zongera ziyashishura canke zikinira mu migwi, zikaza ziratereza akajisho iyo turi zigaca zibandanya kwikinira.

Inyuma y’isaha, umwanya wacu wari uheze. Biboneka ko na Makumba yari irambiwe. Yaranishe rimwe, ica irahaguruka yishimikije ibiganza vyayo amahero maze icokera mw’ishamba. Mu kanya isase, zose zari zamaze kunyika. Naho twamaranye akanya gatoyi gusa n’ivyo biremwa bitangaje, ico kintu ntituzocibagira vuba.

[Uruzitiro ku rup. 13]

UBUZIMA BW’IMAMFU

Uwariko aradutembereza yadusiguriye ko imamfu zitunzwe ahanini n’iminago y’ibiti, amashami hamwe n’amababi. Zirarya kandi udukoko be n’ivyamwa, zikaba zishobora kugenda ibilometero bishika 4 ku musi zirondera ivyo zirya. Zirashobora kuryama hasi canke mu mashami y’ibiti. Ikigabo kirongoye umugwi kiba gifise mu mugongo hasa n’inginagina kuko ubwoya bwaho bugenda buragira iryo bara uko gisaza. Akenshi kiryama hasi kugira gikingire umuryango waco.

Kugira abazi gukurikira amakanda y’imamfu bazimenyereze abantu, baramara n’imiburiburi imyaka itanu bazigendera buri musi. Izimaze kumenyera zirashobora guca ziza ziragenderwa n’ingenzi, amahera bariha mu kwinjira akaba afasha mu kugira ubushakashatsi bwerekeye ivyo bikoko bigeramiwe hamwe no kubikingira.

[Ifoto ku rup. 12]

[Abo dukesha ifoto]

© N A Planken-Kooij/YAY Micro/age fotostock

[Amakarata ku rup. 12]

(Ushaka igisomwa cose, raba ico kinyamakuru)

AFRIKA

CENTRAFRIQUE

Ishamba rya Dzanga-Ndoki

[Ifoto ku rup. 12, 13]

Ikiganza c’imamfu ikuze. Rwawe kingana gute ugereranije n’ico?

[Ifoto ku rup. 13]

Imamfu yo mu biyaya irashobora gukura ikareha n’imetero 1,8; igapima ibilo birenga 200

[Abo dukesha ifoto]

© Juan Carlos Muñoz/age fotostock

[Ifoto ku rup. 14]

[Abo dukesha ifoto]

© FLPA/Terry Whittaker/age fotostock

© FLPA/​Terry Whittaker/​age fotostock

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika