Indwara ya gute—Ibishobora kuyitera
INDWARA ya gute (goutte) ni imwe mu ndwara zimenyerewe cane zifatira mu ngingo kandi irashobora kubabaza rwose. Igitabu kimwe (Arthritis) kivuga giti: “Indwara ya gute iterwa n’uko umubiri utaba washoboye guhingura aside irike (acide urique) iba iri mu mukoyo no mu maraso.” Congerako giti: “Ni indwara iterwa n’ikintu kizwi neza, na co kikaba ari utubuyebuye tw’iyo aside turi mu mavuta yo mu ngingo . . . , canecane mw’ino rikuru.”
Aside irike ni ibisigarira bitembera mu maraso igihe umubiri uhejeje gukoresha ivyitwa purines. Igihe iyo aside igumye yirundanya, akenshi bitumwe n’uko itasohotse bihagije mu mukoyo, utuntu tumeze nk’utubuye dusongoye turashobora guca twiremarema mu ngingo yo mw’imerero ry’ino rikuru, naho dushobora kuja no mu zindi ngingo. Aho hantu harashobora guhishira no kuvyimba, uhakoze ukumva harashushe kandi hagatonekara cane.a Uwitwa Alfred arwaye iyo ndwara avuga ati: “Mbere n’iyo umuntu ahakoze gatoyi gusa, uca wumva umusonga utokwihanganira.”
Urwandiko rwasohowe n’ishirahamwe rimwe (Arthritis Australia) ruvuga ruti: “Iyo umuntu afashwe na gute ntiyivuze, akenshi inyuma y’indwi uca umengo vyaheze. Harashobora guca amezi canke mbere imyaka idasubiye kumuvyuka. Igihe ativuje neza, iyo ndwara irashobora kuza iramuvyuka kenshikenshi, ikamubabaza cane, ingingo na zo zikononekara ubutakivayo. Rimwe na rimwe irashobora gukomera ntibe igikira.”
Indwara ya gute ni imwe mu ndwara nyinshi zo mu ngingo zivurwa zigakira. Ahanini bayivura bakoresheje imiti itarimwo inkabuzo zitwa stéroïdes be n’iyivura ubuvyimbe. Igihe na ho iyo ndwara iza iragaruka kenshi canke ikaba ikaze cane, bakoresha uwitwa allopurinol ubuza umubiri guhingura aside irike. None umuntu yoba ashobora kwirinda ko iyo ndwara isubira kugaruka? Egome, mu gihe yoba azi ibishobora gutuma igaruka.
Ibishobora gutuma igaruka
Ibintu nyamukuru bituma igaruka ni imyaka, igitsina be n’umuryango. Ibitabu bimwebimwe bivuga ko ibice birenga 50 kw’ijana vy’abarwaye iyo ndwara usanga bafise umuntu wo muryango yigeze kuyirwara. Umwe Alfred twavuga, agira ati: “Dawe na sokuru bari bayirwaye.” Vyongeye, iyo ndwara ikarira abagabo, canecane abafise imyaka iri hagati ya 40 na 50. Nkako, abagabo irabakarira incuro zitatu canke zine kuruta abagore, bano ikaba ibafata gake imbere yo guca imvyaro.
Ubuvyibuhe burenze be n’ibifungurwa: Igitabu kimwe (Encyclopedia of Human Nutrition) kivuga giti: “Kuvura iyo ndwara mu kuraba neza ivyo umuntu afungura bisa n’uko bitagishimikira cane ku kwirinda ibifungurwa birimwo purines nyinshi, ahubwo bishimikira ku kuvura ingorane umubiri uba ufise zo kudahingura neza ibifungurwa, akenshi zikaba zifitaniye isano na gute. Izo ngorane ni nk’ubuvyibuhe burenze, kuba isukari yo mu mubiri idakora neza be n’ibinure birenze urugero mu maraso,” nka bimwe bita cholestérol.
Ariko rero, hari n’ibindi bitabu bihimiriza kugabanya ibifungurwa birimwo purines nyinshi, nk’umwambiro, ubwoko bumwebumwe bw’ifi be n’inyama zitandukanye.b
Ibinyobwa: Inzoga zirenze urugero zirashobora gutuma umubiri udasohora aside irike, igaca igwirirana.
Ingorane z’amagara: Twisunze ibivugwa n’ibitaro bimwe (Mayo Clinic) vyo muri Amerika, indwara ya gute yoshobora guterwa n’ingorane zimwezimwe z’amagara nk’ “ivumbuka ry’umurindi w’amaraso igihe ritavuwe be n’izindi ndwara zidakira nk’indwara y’igisukari, ukugira ibinure vyinshi mu maraso hamwe n’ukuziba kw’imiheha itwara amaraso mu mubiri.” Irashobora kandi guterwa n’ “indwara canke imvune bije giturumbuka canke bikaze, ukumara igihe kirekire ku musego” be n’indwara y’amafyigo. Biboneka ko ino rikuru rikarirwa n’iyo ndwara kubera ko amaraso adatembera cane muri ryo kandi rikaba rifise ubushuhe buke. Ivyo bintu bibiri birashobora gutuma aside irike irundana muri ryo.
Imiti: Mu miti ituma umuntu ashobora cane kurwara gute harimwo iyituma umubiri utakaza amazi (diurétiques thiazidiques), bakaba bakunze kuyikoresha mu kuvura ivumbuka ry’umurindi w’amaraso, aspirine ntonto, imiti baha abo bateye ibindi bihimba kugira umubiri ntuvyanke hamwe n’imiti ikaze cane nk’imwe bakoresha mu kuvura kanseri (chimiothérapie).
Ibintu bitanu bifasha kugira ntisubire kugaruka
Kubera vyagaragaye ko indwara ya gute iza iragaruka bivanye n’ingene umuntu abayeho, ivyiyumviro bikurikira vyoshobora gufasha abayirwaye kwirinda ko iza iragaruka.c
1. Kubera ko indwara ya gute iterwa n’uko umubiri udahingura neza ibifungurwa, abayirwaye bakwiye kugerageza kwirinda kugira ibilo birenze mu gucungera neza ivyo bafungura. Vyongeye, kugira ibilo birenze biratuma ingingo ziremerwa.
2. Uraba maso ntuce uza urafungura inticantikize canke ngo urondere gutakaza ibilo ningoga, kuko ivyo bishobora kuza birongereza urugero rwa aside irike iri mu maraso.
3. Niwirinde gufungura ibintu vyinshi birimwo indemamubiri ziva mu bitungwa. Hari abavuga ko umuntu adakwiye kurenza amagarama 170 ku musi y’inyama zitarimwo ibinure vyinshi nk’inkoko n’amafi.
4. Nimba unywa inzoga, niwigerere. Bishitse ugafatwa na gute, vyoba vyiza uciye uziheba.
5. Nunywe ibintu vyinshi bitarimwo umwambiro. Ivyo birafasha kugabanya amakari ya aside irike no kuyisohora mu mubiri.d
Izo ngingo zo kwikingira ziratwibutsa impanuro Bibiliya iduha yo “[ku]tarenza urugero mu ngeso” no kudatwarwa umutima n’ “umuvinyu mwinshi.” (1 Timoteyo 3:2, 8, 11) Vy’ukuri, Umuremyi wacu yuzuye urukundo arazi ivyotubera vyiza.
[Utujambo tw’epfo]
a Umuntu arashobora kugira ibimenyetso nk’ivyo igihe utubuyebuye tw’iyindi aside (pyrophosphate de calcium) twiremaremye mu ngingo, canecane ku gace koroshe kari ku mpera y’amagufa. Naho iyo ndwara umuntu yohava ayitiranya na gute, si bimwe kandi ntibivurwa kumwe.
b Ikiganiro casohowe mu kinyamakuru kimwe (Australian Doctor) kivuga yuko gufungura ibizinu n’ibindi bintu birimwo purines nyinshi nk’ibiharage, inkore, ubushaza, ipinari n’amashu “bitagaragaye ko ari vyo canecane bishobora gutera umuntu gute ikaze.”
c Intumbero y’iki kiganiro si iyo gutanga ubuyobozi mu bijanye n’ukwivuza. Umurwayi wese yoshobora kuba akeneye kuvurwa mu buryo yisangije. Vyongeye, ntakwiye guhagarika gufata imiti yandikiwe canke guhindura cane ivyo yahora afungura, atabanje kubaza muganga.
d Aya makuru ashingiye ku vyiyumviro vyatanzwe n’ikigo kimwe c’ivy’ubuvuzi (Mayo Foundation for Medical Education and Research).
[Igicapo/Ifoto ku rup. 24]
Ingingo ivyimvye
Agahimba gatekeye amavuta yo mu ngingo
[Ifoto ku rup. 24]
Utubuyebuye twa aside irike twarundanye