Urwaruka Ruribaza
Jewe ndi nde?
Michael arabonye ko Brad ariko araza amugana, maze aciye aterwa ubwoba n’ibigira bibe. Brad ati: “Michael, akira!” Brad arapfumbaturuye igipfunsi, Michael na we akaza abona bimwe nyene yari yiteze, ni ukuvuga umusogoto w’urumogi rwitwa marijuwana. Ntashaka kwakira urwo rumogi, ariko kandi ntiyipfuza ko Brad amucishamwo ijisho. Michael avuga asa n’uwudashikamye ati: “Urazi, kumbure ikindi gihe. . . . Si ko none?”
Jessica arabonye ko Brad ariko araza amugana, maze aciye yitegurira ibigira bibe. Brad ati: “Jessi, akira!” Brad arapfumbaturuye igipfunsi, Jessica na we akaza abona bimwe nyene yari yiteze, ni ukuvuga umusogoto w’urumogi rwitwa marijuwana. Jessica asubizayo ashikamye ati: “Oya, urakoze. Ndacakeneye kubaho no guhema neza. N’ikindi kandi, Brad, . . . sinari nzi ko umuntu yiyubahiriza nkawe yonywa itabi!”
MURI ivyo bintu bihejeje kuvugwa, kubera iki Jessica yashoboye bitagoranye gutsinda ako kosho kabi? Ni uko hari ikintu afise Michael adafise. Woba uzi ico kintu ico ari co? Ni ikimuranga. Aho ntidushaka kuvuga ikarata karangamuntu. Ico kintu kiranga umuntu ni ubushobozi afise butuma amenya uwo ari koko be n’aho ahagaze. Ufise ubwo bushobozi, uba ushoboye kwamirira kure ivyogutesha umurongo, ni ukuvuga ko uba ushoboye kuyobora ubuzima bwawe aho kureka ngo abandi babe ari bo babuyobora. None wotsimbataza gute ubwo bushobozi? Vyoba vyiza ubanje kuronka inyishu y’ibibazo bikurikira:
1 NI IBIKI NSHOBOYE KURUTA IBINDI?
Igituma bihambaye: Kumenya ububangukirwe be na kamere nziza ufise birashobora kugufasha gutsimbataza bwa bushobozi butuma uguma ushikamye.
Zirikana kuri iki kintu: Umwe wese arafise ingabirano yisangije. Nk’akarorero, bamwe usanga ari abahanga mu vy’utugenegene canke mu vy’ugucuraranga, abandi ugasanga ari abahanga mu vyo kwinonora imitsi. Umukobwa umwe yitwa Raquel ni umuhanga mu vyo gukanika imiduga.a Avuga ati: “Igihe nari mfise imyaka 15, narabonye ko nkwiye kuba umukanitsi w’imiduga.”
Akarorero ko muri Bibiliya: Intumwa Paulo yanditse ati: “Naho ntari umuhanga mu kuvuga, si ko ndi vy’ukuri mu bumenyi.” (2 Abakorinto 11:6) Kuba Paulo yaratahura neza Ivyanditswe vyaratumye ashobora kuguma ashikamye igihe abandi bamuhaririza. Ntiyaretse ngo inyifato yabo mbi itume ahungabana.—2 Abakorinto 10:10; 11:5.
Niwisuzume. Niwandike aha hepfo ububangukirwe canke ubuhanga ufise.
․․․․․
Ubu na ho nuvuge kamere nziza ufise. (Nk’akarorero, woba uri umuntu yitaho ibintu, atanga cane, w’umwizigirwa, canke yubahiriza umwanya?)
․․․․․
“Ndagerageza kwiyegereza abantu. Bishitse hakagira uwipfuza ko tuyaga ariko nkaba mfatiriwe, nca mpagarika ivyo mba ndiko ndakora, nkamutega yompi.”—Brianne.
Niba bikugora kumenya kamere nziza ufise, niwiyumvire akageso wari ufise mu bwana ubu wahevye, maze uce ukandika aho hepfo.—Nk’akarorero, raba ibivugwa mu ruzitiro ruvuga ngo “Ivyo abo mu runganwe rwawe bavuga.”
․․․․․
2 NI UBUGOYAGOYE UBUHE MFISE?
Igituma bihambaye: Nka kurya umunyororo wose uca ubonwa ko udakomeye igihe uba ukomeye igice kinini ariko agace kawo gato kakaba kadakomeye, ni ko n’umuntu ashobora guca abonwa yuko ameze nabi igihe yirekeranye ntacungere ubugoyagoye bwiwe.
Zirikana kuri iki kintu: Nta muntu n’umwe ariho atunganye. (Abaroma 3:23) Umwe wese arafise utugeso akwiye guheba. Umwigeme umwe yitwa Seija avuga ati: “Kubera iki nama mbabazwa n’utuntu dutoduto? Mbere n’utuntu ata co tuvuze usanga tunshavuza, ngaca mbura ukwigumya!”
Akarorero ko muri Bibiliya: Paulo yari azi neza ubugoyagoye yari afise. Yanditse ati: “Mu vy’ukuri ndahimbarwa n’itegeko ry’Imana nk’uko umuntu ndi imbere muri jewe ari, mugabo mbona mu bihimba vyanje irindi tegeko rirwanya itegeko ry’umuzirikanyi wanje rikanjana ndi imbohe kw’itegeko ry’igicumuro.”—Abaroma 7:22, 23.
Niwisuzume. Ni ubugoyagoye ubuhe ukwiye kwama ubako maso?
․․․․․
“Nasanze igihe mpejeje kuraba amasenema y’ivy’urukundo, hari ukuntu nca niyumva nabi maze nkaca nshaka kurondera uwo twokundana. Ubu ndabona ko mbwirizwa kwiyubara mu bijanye n’ubwo buryo bwo kwisamaza.”—Bridget.
3 MFISE IMIGAMBI IYIHE?
Igituma bihambaye: Igihe ufise imigambi, ubuzima bwawe usanga buri n’intumbero. Birarushiriza kandi kukworohera kwirinda abantu canke ibintu vyotuma udashitsa imigambi wishingiye.
Zirikana kuri iki kintu: Woba ushobora gufata itagisi maze ukabwira umushoferi ngo mugume muzunguruka ahantu kanaka gushika igitoro giheze? Ivyo vyoba biranga ubujuju kandi woba uriko urasesagura! Kwishingira imigambi bituma udapfisha ubusa ubuzima bwawe. Ufise imigambi, uba ufise iyo uja kandi uzi n’ukuntu woshikayo.
Akarorero ko muri Bibiliya: Paulo yanditse ati: ‘Uko niruka, si nk’uwutazi iyo aja.’ (1 Abakorinto 9:26) Paulo, aho gupfisha ubuzima bwiwe ubusa, yarishingira imigambi maze akabaho ayisunga.—Abafilipi 3:12-14.
Niwisuzume. Niwandike aho hepfo imigambi itatu wipfuza gushikako mu mwaka uza.
1 ․․․․․
2 ․․․․․
3 ․․․․․
Ubu na ho nuhitemwo umugambi ubona ko uhambaye kuruta iyindi muri iyo, maze uce wandika ico wotangura gukora ubu kugira ngo uzowushikeko.
․․․․․
“Igihe ntaba mfise ikintu c’ingirakamaro nkora, nsanga ndiko ndapfisha ubusa ubuzima bwanje. Ni vyiza kwishingira imigambi no kwihatira kuyishikako.”—José.
4 NI IBIKI NEMERA KANDI NAJIJUTSEKO?
Igituma bihambaye: Niba hariho ivyo wemera ariko ukaba utabijijutseko, uzoba uri nyamujiryanino. Uzoguma uhindura amabara nka kurya kw’uruvu kugira umere nk’abo mu runganwe rwawe, ico kikaba ari icerekana vy’ukuri ko utagira ikikuranga wewe ubwawe.
Zirikana kuri iki kintu: Bibiliya iremesha abakirisu ‘kwiyemeza neza ukugomba kw’Imana kwiza, kwemerwa kandi kutagira akanenge ukwo ari kwo.’ (Abaroma 12:2) Igihe ukora ibintu ufatiye ku vyo wemera kandi wajijutseko, uguma wumiye ku co uri koko, naho abandi bokora iki.
Akarorero ko muri Bibiliya: Akiri umuyabaga, umuhanuzi Daniyeli ‘yari yariyemeje mu mutima’ kuzokurikiza amategeko y’Imana, naho yobaye atari kumwe n’abo mu muryango wiwe canke abo basangiye ukwemera. (Daniyeli 1:8) Ivyo vyaratumye aguma yumiye ku co yari ari koko. Daniyeli yabayeho yisunga ivyo yemera kandi yajijutseko.
Niwisuzume. Ni ibiki wemera kandi wajijutseko? Nk’akarorero:
● Woba wemera ko Imana ibaho koko? Niba uvyemera, ni kubera iki uvyemera? Ni igiki kikujijura ko ibaho koko?
● Woba wemera ko ingingo ngenderwako z’Imana zigenga inyifato runtu ziriho ku bw’ineza yawe? Niba uvyemera, ni kubera iki uvyemera? Nk’akarorero, ni igiki kikujijura yuko kugamburuka amategeko y’Imana ajanye n’ivy’igitsina bishobora gutuma urushiriza kugira agahimbare kurusha kubaho nk’abo mu runganwe rwawe babaho ata co bisunga?
Ivyo si ibibazo vyo kwishura wihutagiza. Nufate umwanya uzirikane imvo zituma ujijuka ku vyo wemera. Ivyo bizotuma urushiriza kuba uwushoboye kuburanira ivyo wemera.—Imigani 14:15; 1 Petero 3:15.
“Iyo udashikamye ku vyo wemera, kw’ishure abandi banyeshure biraborohera kugushirako umukazo, akaba ari co gituma nshaka kuguma nshikamye ku kwizera kwanje. Ivyo vyatumye nihatira kumenya neza imvo zitomoye kandi zifise ishingiro zituma njijuka ku vyo nemera. Aho gupfa kubwira umuntu nti: ‘Urazi, ivyo sinshobora kubigira kubera ko idini ndimwo ribibuza,’ nasanze biba vyiza kuruta ndamubwiye nti: ‘Gukora ikintu nk’ico si vyiza.’ Ivyo ni vyo jewe nemera.”—Danielle.
Mu gusozera, none wewe woshima kuba nk’ibabi rigururwa n’akayaga gakeyi canke woshima kuba nk’igiti kiguma gihagaze naho hoza igihuhusi gikaze gute? Niwarushiriza kuguma wumiye ku co uri koko, ni ho uzomera nk’ico giti. Vyongeye, ivyo bizogufasha kuronka inyishu ya ca kibazo kigira giti: ‘Jewe ndi nde?’
Ibindi biganiro vyo mu rukurikirane ruvuga ngo “Urwaruka ruribaza” (mu gifaransa), urashobora kubisanga ku muhora wa Internet witwa www.watchtower.org/ypf
[Akajambo k’epfo]
a Bamwebamwe mu bavugwa muri iki kiganiro si ko basanzwe bitwa kubera ko bitashimwe yuko bamenyekana.
[Uruzitiro/Amafoto ku rup. 27]
IVYO ABO MU RUNGANWE RWAWE BAVUGA
“Uko naza ndakura ni ko naza ndamenyera kubanza kuzirikana imbere y’uko mfata ingingo zihambaye canke zidahambaye, akaba ari na ko naza ndamenyera kwirinda gukora ibintu bitohimbara Imana.”
“Nkiri muto, umuntu wese tutabona ibintu kumwe sinamutahura. Ariko ubu, ndatahura ko abantu bose batameze cokimwe, kandi nditaho ivyiyumviro vy’abandi.”
[Amafoto]
Jeremiah
Jennifer
[Uruzitiro ku rup. 28]
UBONA GUTE UBAJIJE ABAVYEYI BAWE?
Mubona mfise ububangukirwe mu biki? Ni ibiki mubona noryohora? Ni ibiki vyabafashije kujijuka ko ingingo ngenderwako z’Imana ari izo kwizigirwa?
[Igicapo ku rup. 26]
(For fully formatted text, see publication)
IVYO NSHOBOYE
UBUGOYAGOYE MFISE
IMIGAMBI YANJE
IVYO NEMERA KANDI NAJIJUTSEKO
[Ifoto ku rup. 28]
Igihe ufise ubushobozi bwo kuguma wumiye ku co uri koko, uba umeze nk’igiti gishinze imizi neza ku buryo gishobora kuguma gihagaze naho hoza igihuhusi gikaze gute