Kanseri yo mw’ibere—Hoba hariho icizigiro? Wohangana na yo gute?
MARIYAa nta na kimwe yari afise mu bimenyetso bizwi vyerekana ko umuntu ashobora kurwara kanseri yo mw’ibere. Yari afise imyaka 40, yikomereye, kandi nta n’umwe mu b’iwabo yari bwigere arwara iyo ndwara. Ibipimo yakunda kugirisha vyerekana ko adora. Ariko umusi umwe, igihe yariko arasuzuma amabere yiwe mu bwogero, yagiye yumva ikintu kivyimvye. Yahavuye asanga ari kanseri. Mariya n’umugabo wiwe bari bajonjogoye igihe muganga yariko arabasigurira uburyo butandukanye bwo kwivuza yari gushobora guhitamwo.
Kera umuganga yarashobora kubwira umugore arwaye kanseri yo mw’ibere ko ata wundi muti uhari atari ukurica, ivyo bikaba vyarahindura ukuntu asanzwe aremwe kuko vyatuma bamuca iryo bere, bakamukuramwo n’intirigwa (ganglions) zo mu gikiriza no mu kwaha hamwe n’inyama zo mu gikiriza. Kuvurwa hakoreshejwe imiti ikaze (chimiothérapie) canke imishwarara akenshi vyararushiriza gusonga umurwayi. Ntibitangaje rero kubona abarwayi benshi baratinya ubwo buryo bwo kuvurwa kuruta iyo ndwara ubwayo.
Urugamba rwo kurwanya kanseri yo mw’ibere ni intambara yahereye kera ifise intumbero yo guhasha uwo mwicanyi batiriwe barasinzikaza umurwayi bidakenewe. Cokimwe na Mariya, muri iki gihe abarwaye iyo ndwara barafise uburyo butandukanye bwo kwivuza boshobora guhitamwo.b Vyongeye, ubushakashatsi bw’urutavanako bugirwa mu vy’ubuvuzi be n’amakuru menshi ashikirizwa n’ibimenyeshamakuru, biratanga icizigiro c’uko iyo ndwara izoteba igatsindwa biciye ku buryo bushasha bwo kuvura, ku bipimo vyerekana imbere y’igihe ko umuntu ashobora kuzoyirwara be no ku bifungurwa bikingira umubiri.
Ariko naho hari iterambere mu vy’ubuvuzi, kanseri yo mw’ibere iracari yo kanseri ihitana abagore benshi.c Mu bihugu bitunze vyo muri Amerika ya ruguru no mu Buraya bwo mu burengero ni ho hari abantu benshi bahitanwa n’iyo kanseri ariko muri Aziya no muri Afrika na ho nyene igitigiri c’abahitanwa n’iyo ndwara kiriko kiriyongera naho cahoze ari gitoyi. Nkako, muri Aziya no muri Afrika, benshi mu batorwa iyo ndwara irabahitana. Uti kubera iki? Umuganga umwe wo muri Afrika avuga ati: “Ntibitwararika kwisuzumisha hakiri kare. Abarwayi benshi baza kutwitura indwara imaze kugera kure.”
Uko umuntu yiterera mu myaka ni ko arushiriza kuja mu kaga ko kuyirwara. Ibice nka 80 kw’ijana vy’abayirwaye usanga ari abakenyezi bafise imyaka irenga 50. Ariko igihumuriza ni uko kanseri yo mw’ibere ari imwe muri kanseri zoroshe kuvura kuruta izindi. Nkako, ibice 97 kw’ijana vy’abagore kanseri yabo imenyekanye hakiri kare, barabandanya kubaho n’imiburiburi imyaka itanu kuva bayitowe. Mariya aherutse kurenza iyo myaka itanu.
Ibintu nyamukuru ukwiye kumenya
Nk’uko vyagenze kuri Mariya, akenshi kanseri yo mw’ibere itangurana no kwumva ikintu kivyimvye. Ariko rero iciza ni uko hafi ibice 80 kw’ijana vy’ivyo bivyimba usanga ata co vyica. Vyinshi muri vyo usanga ari udusaho gusa dutekeye ibintu vy’ibizibizi.
Kanseri yo mw’ibere itangura ari akagingo ngengabuzima kiyonkora ku tundi kagaca kagwirirana mu kajagari, bukebuke kagacika ikivyimba. Ikivyimba gihinduka kanseri igihe imigera yaco itandukiriye ibindi bice vy’umubiri. Ibivyimba bimwebimwe bikura ningoga; ibindi na vyo birashobora kumara n’imyaka cumi bitarigaragaza.
Mu gusuzuma ko Mariya arwaye kanseri, muganga yamuteye agashinge muri ico kivyimba, maze akuramwo agahimba gatoyi cane. Ako gahimba yasanze karimwo imigera ya kanseri. Mariya baciye bamubaga kugira bakureho ico kivyimba n’ibigikikuje bongere bamenye uko kingana, ubwoko bwaco, aho kigeze mu gukwiragira be n’umuvuduko gifise mu gukura.
Abarwayi benshi iyo bahejeje kubagwa barahabwa n’iyindi miti ituma kanseri idasubira kwiguburiza canke gukwiragira. Imigera ya kanseri irashobora gutoroka ikava mu kivyimba, ikajana n’amaraso, igaca yongera gukura. Ugukwiragira kwa kanseri mu bindi bihimba n’ibice nyamukuru vy’umubiri, nk’ubwonko, igitigu, umusokoro canke amahaha, ni kwo gutuma iyo ndwara yiha inkumbi.
Mariya bamuvuye bakoresheje imishwarara be n’imiti ikaze kugira bice imigera ya kanseri yari mu micungararo y’ahahoze nya kivyimba be n’iyari yarakwiragiye mu mubiri. Kubera ko kanseri yiwe yakorerezwa n’inkabuzo bita œstrogènes, yarahawe kandi imiti yatuma umubiri wiwe udahingura izo nkabuzo kugira ntihahave handurukamwo ibindi bivyimba vya kanseri.
Iterambere mu vyo kuvura kanseri yo mw’ibere rituma abarwayi baronka ubundi buryo bwo kwivuza bohitamwo bivanye n’imyaka bafise, amagara yabo, kahise kabo mu bijanye na kanseri be n’ukuntu kanseri yabo yifashe. Nk’akarorero, ibipimo umugore umwe yitwa Arlette yagirishije vyarerekanye ko arwaye kanseri imbere y’uko irengana akaringoti gatwara amaberebere. Baciye rero bamubaga ikivyimba gusa, ivyo bikaba vyatumye batamuca ibere. Uwitwa Alice, imbere yo kumubaga babanje kumuha imiti ituma ikivyimba ciwe citunatuna. Uwitwa Janice na we bamubaze ikivyimba hamwe n’intirigwa ya mbere gusa ishikiramwo ibizi biva muri nya kivyimba. Kubera ko iyo ntirigwa batayisanzemwo imigera ya kanseri, izindi ntirigwa ntibiriwe barazikorako. Ivyo vyatumye ukuboko kwa Janice kutavyimba, bikaba bishobora gushika igihe umuntu bamukuyemwo izo ntirigwa nyinshi.
Hari ibintu vyinshi bimaze kumenyekana ku bijanye n’ukuntu kanseri yo mw’ibere ikura, ariko ikibazo gihambaye kitararonka inyishu ni iki: Iyo kanseri iterwa n’iki kandi itangura gute?
Iterwa n’iki?
Ibitera kanseri yo mw’ibere biracari amayobera. Abihweza utuntu n’utundi bavuga ko ubushakashatsi bwibanda cane ku kuvura iyo ndwara no kuyipima kuko vyinjiza amahera menshi, aho kwibanda ku biyitera no ku buryo bwo kuyikinga. Ariko rero abahinga baramaze kwubura ibintu bihambaye vyobafasha. Hari abiyumvira ko iyo kanseri iva ku bintu vyinshi vy’urusobe, bigatangurana n’akagingo ngengakamere kononekaye gatuma utugingo ngengabuzima duta umurongo, ni ukuvuga ko twigabagura nk’utwasaze, tugatera ibindi bice vy’umubiri, tukananira abasoda b’umubiri, maze ku ruyeri ku rwenge tukagaba ibitero ku bihimba nyamukuru vy’umubiri.
None utwo tugingo twononekaye tuva he? Ibice 5 gushika kuri 10 kw’ijana vy’abagore barwaye kanseri yo mw’ibere, baba bavukanye utugingo dutuma bashobora kurwara iyo ndwara. Ariko biboneka ko kenshi utugingo dukomeye twononwa n’ibintu biturutse hanze, imishwarara n’imiti bikaba biri mu vya mbere vyikekwa. Mu gihe kiri imbere hari aho ubushakashatsi bwokwemeza ico kintu.
Ikindi gishobora gutera iyo kanseri yo mw’ibere ni inkabuzo bita œstrogènes, bikaba bisa n’uko zitera ubwoko bumwebumwe bw’iyo kanseri. Ni co gituma umugore arushiriza kugeramirwa n’iyo ndwara igihe aba yatanguye kuja mu butinyanka hakiri kare canke agateba guca imvyaro, igihe asamye inda ya mbere atevye canke ntanayisame, canke na ho akaba yarigeze kuvurwa mu kumwongerereza urugero rw’inkabuzo. Kubera yuko ibinure usanga bivamwo izo nkabuzo bita œstrogènes, abagore baciye imvyaro bavyibushe birenze urugero barashobora kurushiriza kugeramirwa n’iyo ndwara, kuko udusaho twabo tw’imbuto tuba twarahagaritse guhingura inkabuzo. Ibindi bintu bituma umuntu abangamirwa n’iyo ndwara ni urugero runini rw’inkabuzo bita insulines be n’urugero rutoyi rw’inkabuzo z’itiro bita mélatonines, ivyo bikaba bikunda gushikira abantu bakora ijoro.
Hoba himirije kuboneka ubuhinga bwo kuvura iyo ndwara butababaza kandi ngirakamaro kuruta? Abashakashatsi bariko bararondera ubuhinga bwo kuvura iyo ndwara hakoreshejwe abasoda umubiri usanganywe hamwe n’imiti yica uduhimba tworohereza kanseri. Mu kurindira, ubuhinga bugezweho bwo kumurika mu mubiri buzoba burafasha abaganga kuvura bakoresheje imishwarara mu buryo butomoye kandi ngirakamaro kuruta.
Abahinga kandi bariko bararwana urwo rugamba no mu bundi buryo, nko kugerageza gutahura igituma kanseri ikwiragira mu mubiri, igituma imigera yayo itumva imiti, ingene bohagarika ikura ry’iyo migera be n’ingene boronka umuti uhuye n’ikivyimba kimwekimwe cose ukwaco.
Ariko rero mw’isi ya kino gihe, indwara ntizishobora gukurwaho kandi abapfa bazoguma bapfa. (Abaroma 5:12) Umuremyi wacu wenyene ni we ashoboye kudukurako iyo ngorane. None yoba azobikora? Bibiliya iremeza ko azobikora koko! Ivuga yuko hazogera igihe aho ata muntu “azovuga ngo: ‘Ndarwaye.’”d (Yesaya 33:24) Ese ukuntu tuzokwiruhutsa!
[Utujambo tw’epfo]
a Bamwebamwe si ko basanzwe bitwa kubera ko bitashimwe ko bamenyekana.
b Ikinyamakuru Be Maso! ntigihimiriza umuntu kwivuza mu buryo kanaka.
c Abagabo ntibakunze kurwara kanseri yo mw’ibere.
d Amakuru y’ido n’ido ajanye n’uwo muhango araboneka mu gitabu gifasha kwiga Bibiliya kivuga ngo Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?, casohowe n’Ivyabona vya Yehova.
[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 24, 25]
IBIMENYETSO UKWIYE KUREREKA
Kumenya ko urwaye kanseri hakiri kare birahambaye, ariko ivyigwa bimwebimwe vyerekana ko kwisuzuma amabere canke kuyasuzumisha hakoreshejwe imishwarara bishobora gutanga amakuru atari yo ku bagore bakiri bato, bigatuma bivuza canke biganyira bidakenewe. Yamara abahinga barahimiriza cane abagore kurereka amahinduka yose aba ku mabere yabo no mu ntirigwa ziri mu turingoti dutwara amaraso. Ng’ibi ibimenyetso bimwebimwe bakwiye kurereka:
● Ikivyimba canke ikintu kigumaraye kiri aho ari ho hose mu kwaha canke mw’ibere
● Ikintu cose atari amaberebere gisohoka mw’imoko
● Igihe cose urukoba ruhinduye ibara canke imero
● Igihe imoko rivyimvye canke ritonekara mu buryo budasanzwe
[Uruzitiro ku rup. 25]
NIMBA BAGUTOYE KANSERI YO MW’IBERE
● Niwitege ko uzomara umwaka canke urenga wivuza kugira ubone gukira.
● Igihe bishoboka, nurondere abaganga babishoboye, bubahiriza ivyo ukeneye n’ivyo wemera.
● Nurabire hamwe n’umuryango wawe abo mwobibwira n’igihe mwobibabwira. Ivyo bizotuma abagenzi banyu babagaragariza urukundo, bifatanye namwe mw’isengesho bongere babashire mu masengesho batura.—1 Yohani 3:18.
● Niwihanganire intuntu iterwa n’iyo ndwara mu gusoma Bibiliya, mu gutura isengesho no mu kuzirikana ku bintu vyiza.—Abaroma 15:4; Abafilipi 4:6, 7.
● Nuganire n’abandi vyashikiye bashobora kukuremesha.—2 Abakorinto 1:7.
● Nugerageze kwibanda ku ngorane z’uno musi, ntiwibande ku z’ejo. Yezu yavuze ati: “Ntimukigere mwiganyira ku vy’ejo, kuko umusi w’ejo uzoba ufise amaganya yawo.”—Matayo 6:34.
● Nuziganye utuguvu twawe. Urakeneye kuruhuka bihagije.
[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 26]
KUYAGA NA MUGANGA
● Niwige amajambo y’ikiganga y’ishimikiro ajanye na kanseri yo mw’ibere.
● Imbere yo kubonana na muganga, nugire urutonde rw’ibibazo wipfuza kumubaza maze usabe uwo mwubakanye canke umugenzi aguherekeze kugira agufashe kwandika utuntu dukenewe.
● Nimba muganga avuze ikintu udatahura, numusabe agusigurire.
● Nubaze uwo muganga igitigiri c’abantu amaze kuvura barwaye nk’ukwo urwaye.
● Nimba bishoboka, nurondere uwundi muganga ubaza.
● Nimba abo baganga badahuje, nurabe uwoba abimenyereye kuruta uwundi. Nubasabe bahanahane ivyiyumviro. Urashobora no kubaza uwugira gatatu.
[Uruzitiro/Amafoto ku rup. 27]
GUHANGANA N’INGARUKA Z’IMITI
Mu ngaruka z’imiti imwimwe ya kanseri harimwo iseseme, ugutakaza imishatsi, uburuhe budahera, ugutonekara, ibinyanya canke ugusasatwa mu maguru no mu maboko be n’ingorane z’urukoba. Ibi bintu bisanzwe bikurikira vyoshobora kugabanya izo ngaruka:
● Nufungure neza kugira ukomeze abasoda b’umubiri.
● Guma usuzuma ukuntu intege ufise zigenda zirahinduka n’ingene umubiri wawe wakira ibifungurwa urya.
● Raba ko umuti canke bwa buvuzi bw’Abashinwa bwo gucumita umuntu udushinge kibure ugukandakandwa (massage) bitogabanya iryo seseme canke ukwo gutonekara.
● Niwinonore imitsi ku burimbane kugira wongereze utuguvu, ugume ufise ibilo bitarenze urugero wongere utume abasoda b’umubiri wawe bakora neza.e
● Nuruhuke kenshi, ariko wibuke yuko kumara umwanya muremure mu gitanda bishobora gutuma uruha rwose.
● Urukoba rwawe nirugume rubomvye. Niwambare impuzu zitagufata. Niwoge amazi ashuhije.
[Akajambo k’epfo]
e Abarwayi ba kanseri bakwiye kubaza umuhinga mu vy’amagara y’abantu imbere yo gutangura ivyo kuza barinonora imitsi.
[Akajambo gasigura ifoto ku rup. 28]
IGIHE UWAWE ARWAYE KANSERI
Wofata mu mugongo gute uwawe arwaye kanseri? Nukurikize ingingo ngenderwako yo muri Bibiliya igira iti: “Munezeranwe n’abanezerewe; murirane n’abarira.” (Abaroma 12:15) Numwereke ko umukunda be n’uko umwitwararitse mu kumwakura kuri telefone, mu kumwandikira agakete canke agakarata, mu kumurungikira ubutumwa kuri Internet canke mu gusimba kumusuhuza. Nimusengere hamwe mwongere musomere hamwe imirongo yo muri Bibiliya ihumuriza. Uwitwa Beryl atanga iki ciyumviro ati: “Aho kuvuga ivy’abishwe na kanseri, nuvuge ivy’abo itahitanye.” Uwitwa Janice, na we nyene akaba yarigeze kurwara kanseri, atanga iyi mpanuro ati: “Mwegere gusa umugumbire. Yumvise ashaka kuvuga ibijanye n’iyo ndwara, azobivuga.” Abagabo canecane barakeneye gukura amazinda abakenyezi babo yuko babakunda.
Uwitwa Geoff yigana ati: “Rimwe na rimwe twarategekanya kumara umusi tudacishije mu kanwa icitwa kanseri. Umukenyezi wanje yari yarafashe ingingo y’uko amagara yiwe atoba co kintu kituraza ishinga conyene. Twaciye dufata ingingo y’uko twoza turafata igihe tukamara umusi wose tutavuze ibijanye na kanseri, ahubwo nyabuna tukibanda ku bintu vyiza dufise mu buzima. Ni nk’aho twaba turuhutse iyo ndwara.”
[Uruzitiro ku rup. 28]
IVYO BAMWEBAMWE BAVUZE
Igihe bumva ko babatoye kanseri
Sharon: Ubuzima bwanje bwarahindutse mu kanya isase. Navuze nti: “Karabaye!”
Igihe urugamba rukamvye
Sandra: Amaganya umuntu agira ni yo amusonga kuruta ukuntu ababazwa n’ukwivuza.
Margaret: Uhejeje kwivuza ubugira kabiri, uca wibwira uti: “Emwe, sinzogenda nsubiyeyo.” Ariko urasubirayo nta kundi.
Ku bijanye n’abagenzi
Arlette: Twarabibwiye abagenzi bacu kugira batwibuke mu masengesho batura.
Jenny: Iyo umuntu akumwenyuriye canke akakuramutsa gusa, ntibibura kugukora ku mutima.
Ku bijanye n’ugushigikirwa n’abanega
Barbara: Nafashe ingingo yo kwimosha imbere y’uko umushatsi utangura gukoroka. Colin yaciye ambwira ati: “Hewe, urazi ingene uberewe!” Yaranyeguye n’agatwengo.
Sandra: Twariravye mu cirore turi kumwe na Joe. Ndamuravye mu maso, narabonye ko akinkunda.
Sasha: Karl yakunda kubwira abandi ngo: “Turarwaye kanseri.”
Jenny: Urukundo Geoff yankunda ntirwigeze rugabanuka, kandi ukuntu yakunda Imana vyarandemesha cane.
[Igicapo/Ifoto ku rup. 27]
(For fully formatted text, see publication)
Utugingo ngengabuzima turimwo kanseri ntidukura nk’uko bisanzwe, ahubwo turigabagura tugaca dutandukira ikindi gice c’umubiri
[Igicapo]
Akaringoti k’amaberebere gafise utugingo ngengabuzima dukomeye
Kanseri itararenga akaringoti k’amaberebere
Kanseri iriko irarenga akaringoti k’amaberebere
[Ifoto ku rup. 28]
Gushigikirwa n’incuti n’abagenzi buzuye urukundo birafasha cane abariko baravurwa kanseri