ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 7/10 rup. 10
  • Abagize umuryango bavyihweze bari hamwe

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Abagize umuryango bavyihweze bari hamwe
  • Be maso!—2010
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ibi vyabereye hehe?
  • UZI IKI KU VYEREKEYE UMWAMI HEZEKIYA?
  • IBIRI MURI IYI NOMERO
  • INYISHU Z’IBIBAZO BIRI KU RUPAPURO RWA 10
  • Abagize umuryango bavyihweze bari hamwe
    Be maso!—2010
Be maso!—2010
g 7/10 rup. 10

Abagize umuryango bavyihweze bari hamwe

Ibi vyabereye hehe?

1. Iki kintu cabereye hafi y’igisagara ikihe?

ICOBAFASHA GUTORA INYISHU: Nimusome Ibikorwa 6:7-9; 7:54-60. Nuce umuzingi ku nyishu yawe kuri iyi karata.

Damasiko

Yeruzalemu

Betelehemu

2. Ni kubera iki Sitefano ariko aragirirwa nabi?

․․․․․

3. Sitefano asaba Imana ngo igirire iki abariko baramugirira nabi?

․․․․․

IVYO KUGANIRAKO:

Ubona gute ingene Sitefano yavyifashemwo ku bijanye n’abariko baramugirira nabi? Iyo uza kuba uri Sitefano, wari kuvyifatamwo gute, kandi kubera iki?

UZI IKI KU VYEREKEYE UMWAMI HEZEKIYA?

4. Se wa Hezekiya yari nde?

ICOBAFASHA GUTORA INYISHU: Nimusome 2 Abami 18:1.

․․․․․

5. Naho se wa Hezekiya yari umuntu mubi cane, ni izina irihe Hezekiya yihesheje?

ICOBAFASHA GUTORA INYISHU: Nimusome 2 Abami 18:5.

․․․․․

IVYO KUGANIRAKO:

Ni igiki cafashije Hezekiya kuguma akomeye?

ICOBAFASHA GUTORA INYISHU: Nimusome 2 Abami 18:6.

Bishitse hakagira umuntu wo mu muryango wanyu ahagarika gukorera Yehova, ushobora gute kwigana Hezekiya?

IBIRI MURI IYI NOMERO

Nimwishure ibi bibazo, mwongere mutange umurongo canke imirongo yo muri Bibiliya ibuze.

URUPAPURO RWA 4 Ni ibiki dukwiye kwiyuhagira? 2 Abakorinto 7:________

URUPAPURO RWA 5 Babiri bari kumwe bashobora gukora iki? Umusiguzi 4:________

URUPAPURO RWA 15 Imana ikunda nde? 2 Abakorinto 9:________

URUPAPURO RWA 20 Dukwiye kwirinda iki? 1 Abanyatesalonika 4:________

URUPAPURO RWA 20 Uwukora ubusambanyi aba acumuye ku ki? 1 Abakorinto 6:________

● Inyishu ziri ku rupapuro rwa 23

INYISHU Z’IBIBAZO BIRI KU RUPAPURO RWA 10

1. Yeruzalemu.

2. Sitefano yagirijwe ko yarogose.

3. Kubabarira abariko baramugirira nabi.

4. Umwami Ahazi.

5. Mu bijanye no kugirira umwete ugusenga kw’ukuri, nta wundi mwami yari ameze nka we.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika