ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g04 8/10/04 rup. 24-27
  • Iherezo ry’ivyo kwinubana

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Iherezo ry’ivyo kwinubana
  • Be maso!—2004
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Icotuma turwanya ivyo kwinubana
  • Kurwanya ivyo kwinubana muri kino gihe
  • Igikoresho kidufasha kurwanya ivyo kwinuba abandi
  • Ese twese twoba umwe nk’uko Yehova na Yezu bunze ubumwe
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2018
  • Kwishiramwo nabi abandi ni ingorane ihanze isi yose
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Kwishiramwo nabi abandi bizohera ryari?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Ukwinubana​—Woba umaze kwandukirwa?
    Be maso!—2020
Ibindi
Be maso!—2004
g04 8/10/04 rup. 24-27

Iherezo ry’ivyo kwinubana

HOBA hari impengamiro zo kwinuba abandi twoba dufise? Nk’akarorero, twoba dushoka tuvuga ko umuntu afise kamere yinaka dufatiye kw’ibara ry’urukoba rwiwe, ku gihugu aturukamwo canke ku bwoko bwiwe, naho nyene tutoba tumuzi? Canke, twoba dushobora guha agaciro umuntu wese kubera kamere ziwe bwite?

Mu gihe ca Yezu, abantu baba i Yudaya n’i Galilaya, muri rusangi ‘baranena Abasamariya’ (Yohana 4:9). Amajambo akurikira yanditse muri ca gitabu citwa Talimudi, nta nkeka ko yaseruye inyiyumvo Abayuda benshi bari bafise. Agira ati: “Icompa sinigere nkubita ijisho Umusamariya”.

Mbere n’intumwa za Yezu zishobora kuba ku rugero runaka zaratsimbataje agatima ko kwinuba Abasamariya. Igihe kimwe ntibakiriwe neza mu kigwati c’Abasamariya. Yakobo na Yohani basavye nimba umucanwa utotibukira kuri abo bantu batabakiriye. Biciye ku kuntu yabahambariye, Yezu yaraberetse yuko inyifato yabo itabereye.—Luka 9:52-56.

Mu nyuma, Yezu yariganye umugani w’umugabo yaguye mu bambuzi igihe yari ku rugendo ava i Yeruzalemu aja i Yeriko. Abayuda babiri b’abanyamwete mu vy’idini bari bahaciye yamara ntibanakutsa agatima ko gufasha uwo mugabo. Ariko rero, hari Umusamariya yahashitse arahagarara maze apfuka inguma z’uwo mugabo. Yaciye arondera ingene uwo mugabo yokwitwararikwa agakira inguma ziwe. Uwo Musamariya yarerekanye ko ari umugenzi nyakuri (Luka 10:29-37). Umugani wa Yezu ushobora kuba warafashije abamwumviriza gutahura yuko ukwo kwinuba abandi kwabahumye amaso, ntibashobora kubona kamere nziza z’abandi. Haciye imyaka mikeyi, Yohani yarasubiye i Samariya maze aramamaza mu bigwati vyinshi vyaho kumbure hakaba harimwo na ca kigwati bigeze kwipfuza ko cosangangurwa.—Ivyakozwe 8:14-17, 25.

Intumwa Petero na we nyene vyabaye ngombwa ko atagira nkunzi igihe umumarayika yamutegeka kubwira Koroneliyo umugabisha w’ingabo w’Umuroma, ivyerekeye Yezu. Petero ntiyari amenyereye gukorana n’abatari Abayuda kandi Abayuda benshi ntibakunda abasoda b’Abaroma (Ivyakozwe 10:28). Mugabo aho Petero aboneye ko Imana ari yo iriko irayobora ivyo bintu, yavuze ati: “N’ukuri ni ho nkimenya yukw Imana itarobanura abantu ku butoni, ariko mu mahanga yose ūyubaha, agakora ivy’ukugororoka, iramwemera”.—Ivyakozwe 10:34, 35.

Icotuma turwanya ivyo kwinubana

Ivyo kwinubana birarenga ku ngingo ngenderwako nyamukuru Yezu yigishije igira iti: “Nukw ivyo mugomba kw abantu babagirira vyose mube ari ko mubagirira namwe” (Matayo 7:12). Ni nde yoshima gukengerwa kubera gusa aho yavukiye, ibara ryiwe ry’urukoba canke kubera ukuntu yakuze? Ivyo kwinubana kandi kurarenga ku ngingo mfatirwako z’Imana zerekeye ukutarobanura abantu ku butoni. Bibiliya yigisha yuko Yehova “yaremye amahanga yose y’abantu, ibakūye mu muntu umwe, ngo basagaze mw isi yose” (Ivyakozwe 17:26). Ku bw’ivyo, abantu bose ni bene mugabumwe.

Vyongeye, Imana iraba umuntu wese ku giti ciwe. Nta muntu ihora ivyo abavyeyi biwe canke basekuruza biwe bakoze (Ezekiyeli 18:20; Abaroma 2:6). Mbere n’igihe ikindi gihugu coba kibacinyiza, ntiyoba imvo yumvikana yo kwanka abantu baturuka muri ico gihugu, kumbure wosanga ata ruhara ubwabo bafise muri ako karenganyo. Yezu yigishije abayoboke biwe ‘gukunda abansi babo no gusabira ababahama’.—Matayo 5:44, 45.

Biciye ku nyigisho nk’izo, abakirisu bo mu kinjana ca mbere barafashijwe gutsinda agatima bahorana ko kwinubana maze bahinduka umuryango umwe w’abavukanyi ukwiye mu mahanga yose. Bitana abavukanyi n’abavukanyikazi kandi bakabona ko ari abavukanyi koko, naho baturuka mu mico kama myinshi (Ab’i Kolosayi 3:9-11; Yakobo 2:5; 4:11). Izo ngingo ngenderwako zabahaye ingoga zo kugira iryo hinduka zirashobora gutuma haba ivyo vyiza nyene muri kino gihe.

Kurwanya ivyo kwinubana muri kino gihe

Hafi nka twese hari ivyiyumviro twishiramwo, ariko ivyo vyiyumviro ntibikwiye gutuma twinuba abandi. Ca gitabu (The Nature of Prejudice) kivuga giti: “Ivyiyumviro umuntu yishiramwo bimushikana ku kwinuba abandi mu gihe gusa atavyikuyemwo aramutse amenye amakuru mashasha”. Akenshi, ukwinubana kurashobora guhera mu gihe abantu bamenyanye. Ariko rero, ico gitabu nyene kivuga giti: “Imigenderanire ituma abantu bakorana ibintu ni yo yonyene yoshobora gutuma bahindura inyifato”.

Ukwo ni ko uwitwa John, Umunyanijeriya wo mu bwoko bw’Abayibo yarengeye ivyo kwinuba abo mu bwoko bw’Abahawusa. Avuga ati: “Muri kaminuza, narahahuriye n’abanyeshure bo mu bwoko bw’Abahawusa bahavuye bambera abagenzi, kandi narubuye ko bagendera ubuntu. Narakoranye n’umunyeshure umwe wo muri ubwo bwoko, mu gikorwa twahawe gukorera hamwe, kandi twakora twumvikana; mu gihe uwo twari twakoranye imbere y’aho wo mu bwoko bw’Abayibo, yandya imitsi”.

Igikoresho kidufasha kurwanya ivyo kwinuba abandi

Nk’uko ya raporo yataziriwe ngo UNESCO irwanya amacakubiri ibivuga, “inyigisho irashobora kuba igikoresho c’agaciro cofasha kurwanya ubwoko bushasha bw’amacakubiri, bw’ivangura be n’ubw’ikumirana”. Ivyabona vya Yehova baremera yuko inyigisho ishingiye kuri Bibiliya vy’ukuri ari co kintu ciza kuruta gifasha muri ivyo (Yesaya 48:17, 18). Igihe abantu bashira mu ngiro ivyo yigisha, umwikeko usubirirwa n’ukwubaha, urwanko na rwo rukamirwa n’urukundo.

Ivyabona vya Yehova basanze Bibiliya ibafasha gutsinda ivyo kwinuba abandi. Nakare, Bibiliya irabahimiriza gukorana n’abantu badasangiye imico kama be n’ubwoko ikongera ikabaha akaryo ko kubigira. Christina, twavuze mu kiganiro ca mbere c’uru rukurikirane rw’ibiganiro ni Icabona ca Yehova. Avuga ati: “Amakoraniro tugirira ku Ngoro y’Ubwami atuma numva ko mfise agaciro. Igihe ndiyo numva ntekaniwe kubera yuko ntiyumvamwo ko hari umuntu n’umwe anyinuba”.

Uwitwa Jasmin, na we nyene akaba ari Icabonakazi, yibuka ko yatanguye kugirirwa amacakubiri afise imyaka icenda. Avuga ati: “Imisi ya kane ni yo misi inyorohera kuruta iyindi yose kubera yuko ku mugoroba nja ku Ngoro y’Ubwami. Igihe ndi ngaho ku Ngoro abantu barangaragariza urukundo. Aho gutuma numva nkengeretse, batuma numva ndi umuntu adasanzwe”.

Ibikorwa vy’abitanga bavyishakiye bishigikirwa n’Ivyabona vya Yehova, na vyo nyene birahuza abantu bakuze mu buryo butandukanye. Hari uwitwa Simon yavukiye mu Bwongereza naho umuryango wiwe uturuka mu mazinga ya Karayibe. Igihe yakora ari umumaso mu mashirahamwe asanzwe, baramwinuba cane. Mugabo ivyo ntivyigeze bimushikira mu myaka itari mike yamaze akorana n’abavukanyi basangiye ukwizera mu bikorwa vy’abitanga bavyishakiye. Simon yigana ati: “Narakoranye n’Ivyabona bagenzanje baturuka mu bihugu vyinshi, mugabo twarize kwumvikana neza. Bamwe mu bagenzi somambike naronse, baturuka mu bindi bihugu bakaba bari banakuze mu buryo butandukanye n’ubwanje”.

Ariko ntiwumve, Ivyabona vya Yehova ni abantu badatunganye. Ni co gituma wosanga bategerezwa kuguma barwana n’impengamiro zo kwinubana. Mugabo kumenya ko Imana itarobanura abantu ku butoni, birabaha imvo ikomeye yo kubigira.—Abanyefeso 5:1, 2.

Ivyiza biva ku kurwanya ivyo kwinuba ni vyinshi. Igihe twifatanya n’abantu bakuze mu buryo butandukanye n’ubwacu, ubuzima bwacu buraryohorwa. Vyongeye, Imana ibicishije ku Bwami bwayo, vuba igiye gushinga ikibano c’abantu kizoba kirangwamwo ukugororoka (2 Petero 3:13). Muri ico gihe, ivyo kwinuba bizoba vyaratsinzwe ubutakigaruka.

[Uruzitiro ku rup. 27]

Noba nibikamwo agatima ko kwinuba abandi?

Niwibaze ibibazo bikurikira kugira ngo usuzume nimba, utanabizi wosanga hari ukuntu wibikamwo agatima ko kwinuba abandi:

1. Noba nishiramwo ko abantu bo mu bwoko kanaka, abantu baturuka mu ntara kanaka canke mu gihugu kanaka bafise kamere mbimbi, nk’ubujuju, ubunebwe canke ukuba ingumyi? (Amajambo yo gutebura, kenshi usanga atsimbataza ivyo vyiyumviro vyo kwinubana.)

2. Noba mfise impengamiro yo kwagiriza inyambukira canke abantu tudasangiye ubwoko yuko ari bo banteza ingorane mu vy’ubutunzi canke mu vy’imibano?

3. Noba nararetse urwanko rwabaye hagati y’akarere nturukamwo n’ikindi gihugu muri kahise, rugatuma nanka abantu baturuka muri ico gihugu?

4. Umuntu wese duhwanye, noba nshoboye kumufata ku giti ciwe, ntarinze kuraba ibara ryiwe ry’urukoba, imico kama y’aho aturuka canke ubwoko bwiwe?

5. Noba nkoresha akaryo ndonse ko kumenya abantu bakuriye mu mico kama itandukanye n’iyo nakuriyemwo? Noba ngira akigoro ko kubigira?

[Ifoto ku rup. 24]

Muri wa mugani w’Umusamariya mwiza, Yezu yaratwigishije ukuntu twotsinda ivyo kwinubana

[Ifoto ku rup. 24]

Petero ari mu nzu kwa Koroneliyo yavuze ati: “N’ukuri ni ho nkimenya yukw Imana itarobanura abantu ku butoni”

[Ifoto ku rup. 25]

Ivyo Bibiliya yigisha biranywanisha abantu bakuze mu buryo butandukanye

[Ifoto ku rup. 25]

Ivyabona vya Yehova barashira mu ngiro ivyo biga

[Ifoto ku rup. 26]

Christina—“Amakoraniro tugirira ku Ngoro y’Ubwami atuma numva ko mfise agaciro”

[Ifoto ku rup. 26]

Jasmin—“Abantu barangaragariza urukundo. Aho gutuma numva nkengeretse, batuma numva ndi umuntu adasanzwe”

[Ifoto ku rup. 26]

Simon, umwubatsi w’umwishakire—“Twarize kwumvikana neza”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika