Urwaruka ruribaza . . .
Nshobora gute kwirinda kurangura amabanga mpuzabitsina imbere y’ukwubaka?
“Igihe nari mfise imyaka 19, nararanguye amabanga mpuzabitsina n’umuhungu wo kw’ishure. Sinokubwira ukuntu vyatumye numva maramaye. Nasigaye niyumvamwo yuko ata co maze”.—Lacia.
“MUHUNGE ubushakanyi”. Ukwo ni ko Bibiliya itegeka (1 Ab’i Korinto 6:18). Ariko rero, abakiri bato bakeyi muri iki gihe ni bo basa n’abemera gukurikiza n’umutima ukunze amajambo yo muri Bibiliya no kwirinda kurangura amabanga mpuzabitsina imbere y’uko bubaka izabo. Bamwebamwe, nk’uwitwa Laci, barirekeranye baratwarwa n’ivyipfuzo vyabo maze baratuntura bongera barabuzwa amahoro n’ijwi ryabo ryo mu mutima.
Tuvugishije ukuri, ntivyoroshe kuganza inambu y’umubiri. Nk’uko igitabu citwa Ugukura kw’imiyabaga (mu congereza) kibivuga, amahinduka yo mu buyabaga ajanye n’inkabuzo z’umubiri atuma “inambu y’umubiri irushiriza kwongerekana” bitavuye ku gushaka kw’umuntu. Uwitwa Paul yiyemerera ati: “Rimwe na rimwe, ivyiyumviro vyerekeye igitsina biranyinjira mu muzirikanyi ata mvo n’imwe iboneka ibiteye”.
Yamara, umwigisha mu gisata c’ubuvuzi kiraba indwara z’abana ari we Howard Kulin avuga ati: “Kuvuga ko inkabuzo ari zo gusa zobazwa inyifato [imiyabaga igira] ni ukwiyorohereza ingorane bimwe birenze urugero”. Asigura yuko ivyo mu kibano na vyo nyene biri mu bitera iyo nyifato. Nkako, ivyo mu kibano, na canecane akosho k’urunganwe, birashobora kwosha cane umuntu.
Umwanditsi yitwa Patricia Hersch avuga mu gitabu ciwe (A Tribe Apart), yuko “abakiri bato bashizeho ikibano cabo bwite. . . . Ico kibano kitari umugwi w’abangana gusa, kirikumira [ku bakuze] kigacika ikibano gifise ingingo mfatirwako zaco bwite zigenga imico runtu be n’amategeko yaco bwite agenga inyifato”. Ariko rero, “ingingo mfatirwako zo mu vy’ukwigenza runtu” be n’ “amategeko agenga inyifato” vy’abakiri bato benshi muri iki gihe, akenshi biremesha ukwirekerana bagatwarwa n’inambu y’umubiri, aho kuremesha ukuyiganza. Gutyo benshi boshobora kwiyumvamwo umukazo wo gupima ivyo kurangura amabanga mpuzabitsina imbere y’ukwubaka.
Naho ibintu vyifashe gutyo, urwaruka rukirisu rubigiranye ubukerebutsi, rwariyemeje kwirinda ubwoko bwose bw’ubushakanyi, ruzi yuko Imana ibwiyamiriza ko ari kimwe mu “bikorwa vy’akameremere”b (Ab’i Galatiya 5:19). Mugabo none, ushobora gute kuguma udahumanye igihe uhanganye n’imikazo ikomeye?
Rondera abagenzi b’inkerebutsi
Igishimishije, naho imikazo iva mu kibano ishobora kukugirako akosho kabi, abagenzi beza bobo barashobora kukugirako akosho keza. Ni nka kumwe Bibiliya ibivuga iti: “Gendana n’abanyabgenge, nawe uzogira ubgenge” (Imigani 13:20; 1 Ab’i Korinto 15:33). Raporo imwe yavuye kw’Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu (OMS) yavuze yuko “imiyabaga usanga ifitaniye ubucuti bw’ingirakamaro n’abavyeyi bayo, ikabugiranira n’abandi bantu bakuze bitwararika ibintu, ikongera ikabugiranira n’urunganwe”, ikaba kandi “ishirirwaho ingingo yokwisunga mu buzima ikongera igashingirwa uturimbi . . . isa n’iyidakunda kwisuka mu vy’uguhuza ibitsina”.
Kugiriranira ubucuti bw’ingirakamaro n’abavyeyi bawe birashobora canecane kukuviramwo ivyiza. Uwitwa Joseph yigana ivyo yibuka ati: “Abavyeyi banje baramfashije rwose kunanira imikazo yo guhuza ibitsina”. Nkako, abavyeyi batinya Imana barashobora kugushiriraho ingingo wokwisunga mu buzima be n’uturimbi bishingiye kw’Ijambo ry’Imana (Abanyefeso 6:2, 3). Barashobora kugushigikira mu twigoro ugira kugira ngo ugume udahumanye.
Ego ni ko, kubabwira ibintu bijanye n’igitsina birashobora kugutera ubuyega mu ntango. Mugabo woshobora gutangazwa n’ukuntu batahura neza ingene wiyumva. Erega na bo nyene barigeze kuba bato. Ku bw’ivyo, uwitwa Sonja ahanura abandi bakiri bato ati: “Egere abavyeyi banyu, kandi ntimugire ubuyega canke isoni zo kubabwira ivyerekeye igitsina”.
Wokora iki mu gihe abavyeyi bawe badakurikira ingingo mfatirwako zo muri Bibiliya? Naho ukwiye kuguma ubatera iteka, hari aho wokenera kuronderera ubuyobozi kanaka ku bantu batari abo mu muryango iwanyu. Paul, umwe twavuga kare, avuga ati: “Muri ivyo, ndakura imfashanyo ihambaye ku bakirisu bubatse, bahumuye”. Uwitwa Kenji, akaba ari umwigeme afise nyina atizeye, na we nyene avuga ati: “Kugira ngo ndonke impanuro, nguma nitura abantu bahumuye bakomeza abandi mu buryo bw’impwemu”. Mugabo agabisha ati: “Ndirinda abatagendera ingingo mfatirwako zo mu vy’ukwigenza runtu zikomeye, naho nyene bavuga yuko twizera bimwe”.
Rimwe na rimwe, vyoshobora kuba nkenerwa ko uba maso ku bo mwifatanya mw’ishengero rya gikirisu. Bibiliya itwibutsa yuko mu mugwi uwo ari wo wose ugizwe n’abantu benshi, akenshi usanga harimwo abatigenza mu buryo buteye iteka (2 Timoteyo 2:20). Ukwiye gukora iki none mu gihe umenye yuko bamwebamwe mu rwaruka rwo mw’ishengero iwanyu ari “indyarya” koko (Zaburi 26:4)? Niwirinde kwifatanya cane na bo, ahubwo urondere abagenzi bazoshigikira umwiyemezo wawe wo kuguma udahumanye mu vy’ukwigenza runtu.
Niwamirire kure amaporopagande yonona
Ukwiye kandi gutera intambwe zo kwikingira isegenya ry’amashusho yerekana ivy’igitsina n’ibintu bihengamiye ku vy’igitsina bishirwa mu bitabu, mu binyamakuru, mu miziki yerekanwa mu mavidewo, mu dukino two kuri videwo, mu masenema, no kuri bwa buhinga bwo gutumatumanako amakuru bwa Internet. Ibimenyeshamakuru vyerekana yuko ivyo kurangura amabanga mpuzabitsina imbere y’ukwubaka ari ibintu bikwegera, biryoshe, kandi bitarimwo ingeramizi. None bigira ingaruka iyihe? Kenji, uwo twamaze kuvuga, yiyemerera ibi: “Nararavye isenema aho ivy’igitsina vyafatwa nk’ibintu bisanzwe eka mbere hagacamwo n’ivyo kuryamana kw’abasangiye igitsina. Ico vyavuyemwo, nahavuye ntangura kwibagira ingene Yehova abona ivyo bintu”.
Ico womenya coco ni uko ukwinezereza gukundwa na benshi akenshi kunyegeza ku rwenge ingaruka zibabaje z’ukurangura amabanga mpuzabitsina imbere y’ukwubaka, na zo zikaba ari ugutwara inda z’ishushu, ukwubaka hataragera, be n’indwara zandukira biciye mu bihimba vy’irondoka. Ntuhendwe rero n’ “abīta ikibi iciza, iciza bakacīta ikibi”.—Yesaya 5:20.
Niwibuke amajambo avugwa mu Migani 14:15 agira ati: “Imburabgenge yemera ijambo ryose, arik’umunyamakenga agenda agavye”. Niwagwa ku mashusho yerekana ivy’igitsina canke avyura inambu y’umubiri igihe uriko urasoma, igihe uriko urakoresha bwa buhinga bwo gutumatumanako amakuru bwa Internet, canke igihe uriko uraraba televiziyo, nugire ico ukoze udatebaganye! Nuzinge ico gitabu, uzimye orodinateri yawe, canke uhindure umurongo wa televiziyo! Hanyuma nushire ivyiyumviro ku kindi kintu, ni ukuvuga ikintu ciza (Ab’i Filipi 4:8). Ubigize gutyo, urashobora guhagarika ivyipfuzo bibi imbere y’uko bironka umwanya wo gutsimbatara.—Yakobo 1:14, 15.
Uragaba ku bihe vyohava bituma ugwa mu bushegabo
Woba ugenderanira n’umuntu mwipfuza kuzoreshanya? Nimba ari ukwo biri urakeneye kuba maso. Bibiliya ituburira iti: “Umutima uribesha kuruta ibindi vyose, urwaye indwara itavūrwa” (Yeremiya 17:9). Biroroshe kureka ivyo kugaragarizanya igishika bikavamwo ukwigenza nabi mu vy’igitsina. Nimufate ingingo zo kwikingira zitegereka, nko kugira uwubaherekeza abereye canke kuza muragenderanira muri kumwe n’abandi bantu babereye. Nimwirinde kuba ukwa mwenyene mu bihe vyohava bituma mugwa mu bushegabo.
Ariko rero, ushobora kuba waramaze gufata ingingo yo kwubaka urwawe ukaba rero wiyumvira yuko uburyo bumwebumwe bwo kugaragarizanya igishika ku mubiri bwoba bubereye. Naho ari ukwo, raporo imwe y’Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu itanga iyi mburizi: “Igihe umubano w’ababiranye wimirije, ukurangura amabanga mpuzabitsina imbere y’ukwubaka usanga bishika mu bigeme benshi, n’ahantu nyene bubahiriza bimwe bikomeye imigenzo ibuza ico kintu”c. Ku bw’ivyo, nimushinge uturimbi ku bijanye no kugaragarizanya igishika, gutyo mwikingire intuntu idakenewe.
Naho bisa n’ibivuna umutima, abakiri bato benshi, na canecane abigeme, usanga bahatirwa kurangura amabanga mpuzabitsina. Twisunze ivyavuzwe mw’itohoza rimwe, “ibice 60 kw’ijana vy’imiyabaga yo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika yaranguye amabanga mpuzabitsina imbere y’uko ishikana imyaka 15 y’amavuka, yabigize itabishaka”. Bene kubashurashuza akenshi bakoresha inguvu kugira babatere ubwoba (Umusiguzi 4:1). Nk’akarorero, Bibiliya itubwira yuko Amunoni wa mwana w’Umwami Dawidi ‘yagomwe’ mushikiwe Tamari, maze akoresheje urwenge, agahatira Tamari kurangura amabanga mpuzabitsina.—2 Samweli 13:1, 10-16.
Ivyo ntibishaka kuvuga yuko bidashoboka kwirinda ugufatwa ku nguvu canke guhatirwa gukora ubushurashuzi. Ubaye maso ku ngeramizi, ukirinda ibintu vyohava bituma ugwa mu bushegabo, kandi ukagira ico ukoze udatebaganye igihe hari akaga, urashobora kugira ikintu kinini ukoze ku bijanye no kwikingirad.
“Egeranya” umutima wawe
Twizigiye yuko impanuro twaciye irya n’ino muri iki kiganiro zizogufasha mu ntambara urwana kugira ngo ugume udahumanye. Mugabo impera n’imperuka, inyifato uzogira izovana n’ibiri mu mutima wawe. Yezu yavuze yuko “mu mutima havamw[o] . . . ubushakanyi” (Matayo 15:19). Utegerezwa rero kunanira impengamiro yo kuba umuntu w’ ‘umutima [“udakwiye”, NW]’ (ni ukuvuga akazuyazi) canke umuntu w’ “imitima ibiri” (ni ukuvuga indyarya) kuri ico kibazo c’inkoramutima.—Zaburi 12:2; 119:113.
Bishitse ukiyumvamwo yuko umwiyemezo wawe uriko uragoyagoya canke ukumva ufise amadidane mu mutima, nusenge nka kumwe Dawidi yabigize igihe yatakamba ati: ‘Egeranya umutima wanje kugira ngo wubahe izina ryawe’ (Zaburi 86:11). Uhejeje ivyo, nukore wisunga isengesho ryawe mu kwiga Bibiliya be n’ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya uteko ushire mu ngiro ivyo wiga (Yakobo 1:22). Uwitwa Lydia avuga ati: “Mvyurirwa umutima wo kunanira inyosha mbi z’ubusambanyi mu kwama nibuka yuko ‘ata mushakanyi, canke igihumane bazogira ico baragwa mu bwami bw’Imana’ ”.—Abanyefeso 5:5.
Kwirinda kurangura amabanga mpuzabitsina imbere y’ukwubaka bishobora kutaba ivyoroshe. Mugabo ubifashijwemwo na Yehova, urashobora kuguma udahumanye, gutyo ukirinda agahinda kenshi be n’umubabaro mwinshi ukongera ukabirinda n’abandi.—Imigani 5:8-12.
[Utujambo tw’epfo]
a Amazina yarahinduwe.
b Raba ikiganiro kivuga ngo “Urwaruka ruribaza . . . Hari ikibi kiri mu vyo kurangura amabanga mpuzabitsina imbere y’ukwubaka?” mu nomero yacu (mu gifaransa) yo ku wa 22 Mukakaro 2004.
c Raba ikigabane ca 29 c’igitabu Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakimazi, casohowe n’Ivyabona vya Yehova.
d Inama zijanye n’ivyo, zaratanzwe mu biganiro “Urwaruka ruribaza . . . ” bifise umutwe uvuga ngo “Nshobora gute kwikingira ukuburabuzwa mu bijanye n’igitsina” n’uwuvuga ngo “Nokora iki kugira ngo mbuze umuhungu dukundana areke kumfata nabi?”, biboneka mu nomero zacu (mu gifaransa) zo ku wa 22 Myandagaro 1995, no ku wa 22 Ruheshi 2004.
[Ifoto ku rup. 30]
Kuganira n’abavyeyi bawe ukuntu wumva umerewe birashobora kugufasha kuguma udahumanye
[Ifoto ku rup. 31]
Kugenderanira n’uwo mwipfuza kuzoreshanya muri kumwe n’abandi bantu babereye birashobora kukurinda