ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • nwt 1 Abakorinto 1:1-16:24
  • 1 Abakorinto

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • 1 Abakorinto
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
1 Abakorinto

IKETE RYA MBERE RYANDIKIWE ABAKORINTO

1 Jewe Pawulo, uwahamagariwe kuba intumwa+ ya Kristu Yezu biciye kw’igomba ry’Imana, n’umuvukanyi wanje Sositene, 2 turabandikiye mwebwe shengero ry’Imana riri i Korinto+, mwejejwe mu bumwe na Kristu Yezu+ kandi mugahamagarirwa kuba aberanda. Turandikiye n’abo bose bambaza izina ry’Umukama wacu Yezu Kristu aho bari hose+. Ni Umukama wabo, akaba n’uwacu.

3 Ubuntu buhebuje* n’amahoro biva ku Mana Data wa twese no ku Mukama Yezu Kristu bibane namwe!

4 Nama nkengurukira Imana yanje ku biberekeye kubera ubuntu buhebuje Imana yabagiriye biciye kuri Kristu Yezu. 5 Imana yarabatungishije muri vyose kubera mwunze ubumwe na Kristu, ibaha ubushobozi bwose bwo kuvuga n’ubumenyi bwose+, 6 kuko intahe yerekeye Kristu+ yashinze imizi muri mwebwe. 7 Ivyo vyatumye mudahomba ingabire n’imwe mu gihe murindiranye igishika ko Umukama wacu Yezu Kristu ahishurwa+. 8 Azotuma kandi mushikama gushika kw’iherezo, kugira ntihaze hagire ikintu mwagirizwa ku musi w’Umukama wacu Yezu Kristu+. 9 Imana ni iyo kwizigirwa+. Ni yo yabahamagaye kugira mwunge ubumwe* n’Umwana wayo, Yezu Kristu Umukama wacu.

10 Ndabahimiriza rero bavukanyi mw’izina ry’Umukama wacu Yezu Kristu, ngo mwese muvuge rumwe kandi ntihabe amacakubiri muri mwebwe+. Ahubwo mwunge ubumwe neza mu kubona ibintu kumwe no mu kwiyumvira kumwe+. 11 Kuko hari abo mu rugo rwa Kolowe bambwiye ibiberekeye bavukanyi, yuko hari ugucanamwo muri mwebwe. 12 Ico nshaka kuvuga, ni uko muri mwebwe bamwe bavuga ngo «ndi uwa Pawulo», abandi ngo «ndi uwa Apolo+», abandi na bo ngo «ndi uwa Kefa*» canke ngo «ndi uwa Kristu.» 13 Mbega Kristu agabuyemwo ibice? Mbega Pawulo yarabapfiriye ku giti? Canke mwoba mwabatijwe mw’izina rya Pawulo? 14 Ndashimira Imana kuba ata n’umwe muri mwebwe nabatije, kiretse Kirisipo+ na Gayo+, 15 kugira ntihagire uwuvuga yuko mwabatijwe mw’izina ryanje. 16 Ndibutse ko nabatije n’abo mu rugo rwa Sitefana+. Ariko mu basigaye, sinzi ko hari uwundi nabatije. 17 Kuko Kristu atantumye kubatiza, ahubwo yantumye kumenyesha inkuru nziza+. Ntiyantumye kuyimenyesha nkoresheje imvugo y’ubwenge buhanitse*, kugira ngo igiti co kubabarizwako* ca Kristu ntigihindurwe impfagusa.

18 Kuko ubutumwa bwerekeye igiti co kubabarizwako* ari ubupfu ku bariko baja mu mahonero+, ariko kuri twebwe abariko barakizwa, ni ububasha bw’Imana+. 19 Nakare vyanditswe ngo: «Nzotuma ubukerebutsi bw’inkerebutsi buhera, n’ubwenge bw’incabwenge ndabukengere*+.» 20 Inkerebutsi iri hehe? Umwanditsi* ari hehe? Umunyabihari wo muri iyi si* ari hehe? Mbega ubukerebutsi bw’iyi si Imana ntiyabuhinduye ubupfu? 21 Kubera ko isi itashoboye kumenya Imana biciye ku bukerebutsi bwayo*+, Imana rero ikoresheje ubukerebutsi bwayo+ yabonye ko ari vyiza gukiza abemera biciye ku butumwa twamamaza, ubwo abandi babona ko ari ubupfu+.

22 Abayuda basaba ibimenyetso+, Abagiriki* na bo bakarondera ubukerebutsi. 23 Ariko twebwe twamamaza Kristu yishwe amanitswe ku giti. Ku Bayuda ni igitsitaza, mugabo ku mahanga ni ubupfu+. 24 Ariko ku bahamagawe, baba Abayuda canke Abagiriki*, Kristu ni ububasha bw’Imana n’ubukerebutsi bwayo+. 25 Kuko ikintu c’ubupfu kiva ku Mana kirusha ubukerebutsi abantu, n’ikintu kigoyagoya kiva ku Mana kigakomera kurusha abantu+.

26 Bavukanyi, igihe Imana yabahamagara, murabona ko muri mwebwe atari benshi bari inkerebutsi mu buryo bw’umubiri*+. Si benshi bari abanyabubasha, si benshi bakomoka mu miryango ikomakomeye*+. 27 Ariko Imana yatoye ibintu vy’ubupfu vyo mw’isi kugira itetereze inkerebutsi, kandi yatoye ibigoyagoya vyo mw’isi kugira itetereze ibikomeye+. 28 Imana kandi yatoye ibintu vyo mw’isi ata co bimaze n’ibintu bagaya, ibintu babona ko bitabaho, kugira ihindure ubusa ibiriho+, 29 ngo ntihagire n’umwe* yirata imbere y’Imana. 30 Ni yo mukesha kuba mwunze ubumwe na Kristu Yezu. Kristu yatubereye ubukerebutsi buva ku Mana, atuma tuba abagororotsi+, turezwa+ twongera turabohorwa biciye ku ncungu+, 31 kugira bibe nk’uko nyene vyanditswe ngo: «Uwirata, niyiratire Yehova*+.»

2 Ni co gituma bavukanyi, igihe naza iwanyu kubamenyesha ibanga ryeranda+ ry’Imana ntaje mfise imvugo y’agahebuza+ canke ubukerebutsi bw’agahebuza. 2 Kuko igihe nari kumwe namwe nafashe ingingo yo kutavuga* ikintu na kimwe kiretse Yezu Kristu, no kuba yarishwe amanitswe ku giti+. 3 Kandi naje iwanyu ngoyagoya, mfise ubwoba, njugumira cane. 4 Imvugo nakoresha n’ivyo namamaza ntivyarimwo amajambo y’ubukerebutsi anyura, ahubwo vyagaragaza impwemu n’ububasha+, 5 kugira ngo ntimwizere ubukerebutsi bw’abantu, ahubwo mwizere ububasha bw’Imana.

6 Twebwe rero tuvuga ivyerekeye ubukerebutsi mu bahumuye+, mugabo si ubukerebutsi bw’iyi si* canke ubw’abatware b’iyi si, bamwe babwirizwa kuvaho+. 7 Ahubwo tuvuga ubukerebutsi bw’Imana butekeye mw’ibanga ryeranda+, ubukerebutsi bwanyegejwe, ubwo Imana yateguye kera ibi bihe* bitarabaho, kugira turonke ubuninahazwa. 8 Ubwo bukerebutsi nta n’umwe mu batware b’iyi si* yabumenye+, kuko iyo babumenya batari kwica* wa Mukama w’ubuninahazwa. 9 Mugabo nk’uko vyanditswe: «Ijisho ntiryabonye, n’ugutwi ntikwumvise, eka n’ibintu Imana yateguriye abayikunda ntivyiyumviriwe mu mutima w’umuntu+.» 10 Ni twebwe Imana yabihishuriye+ biciye ku mpwemu yayo+, kuko impwemu isesangura ibintu vyose, mbere n’ibintu vyimbitse vy’Imana+.

11 Kanatsinda, ni nde mu bantu azi ivyiyumviro vy’umuntu, atari impwemu yiwe? N’ivyiyumviro vy’Imana nta n’umwe yabimenye atari impwemu yayo. 12 Ariko twebwe ntitwaronse impwemu y’isi, ahubwo twaronse impwemu iva ku Mana+, kugira tumenye ibintu Imana yaduhaye n’umutima ukunze. 13 Ivyo bintu ni vyo nyene tuvuga. Ntitubivuga mu majambo yigishwa n’ubukerebutsi bw’abantu+, ahubwo tubivuga mu majambo yigishwa n’impwemu+, tugasigura ibintu vy’impwemu dukoresheje amajambo y’impwemu*.

14 Mugabo umuntu w’umubiri ntiyemera* ibintu vy’impwemu y’Imana, kuko ari ubupfu kuri we. Kandi ntashobora kubimenya, kuko bisuzumwa mu buryo bw’impwemu. 15 Ariko umuntu w’impwemu arasuzuma ibintu vyose+, mugabo we nta muntu n’umwe amusuzuma. 16 Nakare, «ni nde yamenye ivyiyumviro* vya Yehova* ngo amwigishe+?» Mugabo twebwe, turafise ivyiyumviro* vya Kristu+.

3 Nuko rero bavukanyi, sinashoboye kubabwira nk’uwubwira abantu b’impwemu+. Nababwiye nk’uwubwira abantu b’umubiri, nk’uwubwira inzoya+ muri Kristu. 2 Nabagaburiye amata, sinabagaburiye ivyo kurya bigumye, kuko mutari bwakomere bihagije. Mbere n’ubu ntimukomeye bihagije+, 3 kuko mukiri ab’umubiri+. None ko hari ishari n’imiryano muri mwebwe, mwumva mutari ab’umubiri+? Mwumva mutigenza nk’uko abantu bigenza? 4 None ko umwe avuga ngo «ndi uwa Pawulo», uwundi ngo «ndi uwa Apolo+», mwumva mutariko mwigenza nk’abantu buntu?

5 None Apolo ni iki? Pawulo we ni iki? Ni abasuku+ vyaciyeko kugira mube abemera, nk’uko umwe wese yabihawe n’Umukama. 6 Jewe narateye+, Apolo aravomera+, mugabo Imana ni yo yaguma ikuza. 7 Rero yaba uwutera canke uwuvomera si bo bahambaye, ahubwo ni Imana yo ikuza+. 8 Uwutera n’uwuvomera ni bamwe*, mugabo umwe wese azoronka impembo bivanye n’igikorwa yakoze+. 9 Kuko turi abakozi bakorana n’Imana. Muri itongo ry’Imana ririko rirarimwa, muri inyubakwa y’Imana+.

10 Biciye ku buntu buhebuje* Imana yangiriye, narashinze umushinge+ nk’umwubatsi akomeye w’umuhanga*, mugabo uwundi muntu ariko arawubakako. Ariko umwe wese nagume araba neza ingene awubakako. 11 Kuko ata n’umwe ashobora gushinga uwundi mushinge kiretse uwashinzwe, ari wo Yezu Kristu+. 12 Nitwawubakako rero dukoresheje inzahabu, ifeza, amabuye y’agaciro, ibiti, ubwatsi canke ibishakara, 13 igikorwa c’umwe wese kizoboneka uko kimeze*, kuko wa musi uzocerekana. Kizohishurwa biciye ku muriro+ kandi uwo muriro nyene uzokwerekana igikorwa c’umwe wese uko kimeze. 14 Ico umuntu yubatse kuri uwo mushinge nicarama, azoronka impera. 15 Ico umuntu yubatse nicasha, azohomba, ariko we ubwiwe azokira. Yamara nivyaba gutyo, ni nk’aho azoba yokowe mu muriro.

16 Ntimuzi yuko mwebwe muri urusengero rw’Imana+, be n’uko impwemu y’Imana iba muri mwebwe+? 17 Nihagira umuntu asambura urusengero rw’Imana, Imana izomusambura, kuko urusengero rw’Imana ari rweranda, kandi urwo rusengero ni mwebwe+.

18 Ntihagire uwihenda: nimba muri mwebwe hari uwiyumvira ko ari inkerebutsi muri iyi si*, nabe igipfu kugira abone gucika inkerebutsi. 19 Kuko ubukerebutsi bw’iyi si ari ubupfu ku Mana. Nakare vyanditswe ngo: «Ifatira abanyabwenge mu rwenge rwabo+.» 20 Vyanditswe kandi ngo: «Yehova* arazi yuko ivyiyumviro vy’inkerebutsi ata co bimaze+.» 21 Ntihagire rero n’umwe yiratira abantu, kuko ibintu vyose ari ivyanyu. 22 Yaba Pawulo canke Apolo canke Kefa*+, canke isi canke ubuzima canke urupfu, canke ibiriho ubu canke ibizoza, vyose ni ivyanyu. 23 Namwe muri aba Kristu+, Kristu na we ni uw’Imana.

4 Abantu bakwiye kutubona nk’abakozi* ba Kristu n’abasuku* bajejwe amabanga meranda y’Imana+. 2 Abasuku* rero vyitezwe ko baba abizigirwa. 3 Kuri jewe gusuzumwa namwe canke na sentare y’abantu nta co bimaze. Honyene na jewe ubwanje sinisuzuma. 4 Kuko numva ata co niyagiriza. Ariko ivyo ntivyerekana ko ndi umugororotsi. Uwunsuzuma ni Yehova*+. 5 Ku bw’ivyo, ntihagire ico mucira urubanza+ igihe kitaragera, gushika Umukama aje. Ibintu vy’ibanga vyari mu mwiza azobizana ku muco, ashire ahabona ivyiyumviro biri mu mitima y’abantu. Umuntu wese azoheza ashimagizwe n’Imana nk’uko abikwiye+.

6 Rero bavukanyi, ibi bintu navuze navyerekeje kuri jewe na Apolo+ ku neza yanyu, kugira ngo biciye kuri twebwe mumenye iyi ngingo: «Ntimurenge ku bintu vyanditswe.» Ivyo bizotuma mutivyimvya+, ntimurutishe umuntu uwundi. 7 Kuko, ni nde atuma uba uwutandukanye n’abandi? Mu vy’ukuri, ni igiki ufise utahawe+? None ko wagihawe, kubera iki wirata nk’aho utagihawe?

8 Burya muramaze guhaga? Muramaze kuba abatunzi? Mwaratanguye kuganza+ tutari kumwe? Icompa mukaba mwaratanguye kuganza, ngo natwe tuganze turi kumwe namwe+. 9 Mbona umengo twebwe intumwa, Imana yadushize ku mugaragaro ubwa nyuma, nk’abantu baciriwe urwo gupfa+, kuko twacitse nk’igikino co kurorera kirabwa n’isi+, n’abamarayika n’abantu. 10 Twebwe turi ibipfu+ kubera Kristu, ariko mwebwe muri abanyabwenge muri Kristu. Twebwe turagoyagoya, ariko mwebwe murakomeye. Mwebwe murubahwa, ariko twebwe turakengerwa. 11 Gushika kuri iyi saha nyene tubandanya gusonza+, kunyoterwa+, kubura ivyo twambara*, gukubitwa+, kubura uburaro, 12 no gukora cane dukoresheje amaboko yacu+. Igihe dututswe, turahezagira+. Igihe baduhamye, turihangana cane+. 13 Igihe batwambitse ibara, twishurana ubwitonzi*+. Gushika ubu tubonwa nk’umwanda* w’isi, umucafu utabwa na bose.

14 Ibi bintu sindavyanditse kugira ndabamaramaze, ahubwo ndavyanditse kugira ndabakebure nk’abana banje nkunda cane. 15 Kuko naho mwogira abarezi* 10.000 muri Kristu, mu vy’ukuri nta ba so benshi mufise, kuko muri Kristu Yezu nacitse so biciye ku nkuru nziza+. 16 Ndabinginze rero, munyigane+. 17 Ni co gituma ndabarungikiye Timoteyo, kuko ari umwana wanje nkunda cane kandi w’umwizigirwa mu Mukama. Azobibutsa ukuntu nkora ibintu* mu gikorwa ca Kristu Yezu+, nk’uko nsanzwe nigisha hose mu mashengero yose.

18 Hari abivyimvya muri mwebwe biyumvira ko ntazoza iwanyu. 19 Mugabo nzoza iwanyu vuba, Yehova* niyabigomba. Sinzoba nshaka kwumva ivyo abo bantu bivyimvya bavuga, ahubwo nzoba nshaka kumenya ko bafise ububasha buva ku Mana. 20 Kuko Ubwami bw’Imana butabonekera mu majambo, ahubwo bubonekera mu bubasha. 21 Mushima ko nza iwanyu nzanye inkoni+, canke ko nza mfise urukundo n’umutima w’ubwitonzi?

5 Mu vy’ukuri muri mwebwe haravugwa ubusambanyi*+ butanavugwa mu mahanga, kubona hari umuntu yatwaye* mukase+. 2 Aho rero muravyishimiye? Nagira mwari mukwiye kubabara cane+, mugakura muri mwebwe uwakoze ico kintu+? 3 Naho tutari kumwe imbonankubone, mu mpwemu turi kumwe, kandi ndamaze gucira urubanza uwakoze ivyo nk’aho noba ndi hiyo vy’ukuri. 4 Ko muzi yuko turi kumwe mu mpwemu kandi nkaba mfise ububasha nahawe n’Umukama Yezu, nimwakoranira hamwe mw’izina ry’Umukama wacu Yezu, 5 muze muhe Shetani+ uwo muntu kugira umubiri utikizwe, maze impwemu izokizwe ku musi w’Umukama+.

6 Ukwirata kwanyu si kwiza. Ntimuzi yuko akambiro gakeyi kambira* igikandu cose+? 7 Nimukureho umwambiro ushaje kugira mube igikandu gishasha, kubera ko musanzwe mutarimwo umwambiro. Kuko vy’ukuri, Kristu we mwagazi w’intama wacu wa Pasika+ yatanzwe nk’ikimazi+. 8 Nuko rero duhimbaze uwo musi mukuru*+, tudakoresheje umwambiro ushaje canke umwambiro w’ububi n’ububisha, ahubwo dukoresheje imikate itambiye, itarimwo uburyarya kandi y’ukuri.

9 Mw’ikete nabandikiye, nabasavye kureka kwifatanya n’abasambanyi*. 10 Sinashaka kuvuga kutifatanya na gato n’abasambanyi* bo muri iyi si+ canke abanyamunoho canke abambuzi canke abasenga ibigirwamana. Ahandiho mwotegerezwa kuva mw’isi+. 11 Ariko ubu ndabandikiye ngo mureke kwifatanya+ n’uwo wese yitwa umuvukanyi mugabo akaba ari umusambanyi* canke umunyamunoho+ canke uwusenga ibigirwamana canke uwutukana canke imborerwa+ canke umwambuzi+. No gusangira ntimugasangire. 12 Kubera iki nocira urubanza abo hanze y’ishengero? Mbega si mwebwe mucira urubanza ab’indani, 13 Imana na yo ikarucira abo hanze+? «Nimukure uwo mubisha muri mwebwe+.»

6 Mbega uwo muri mwebwe afise ico atumvikanako n’uwundi+, arubahuka kuja kwitwara imbere y’abatagororotse, aho kuja imbere y’aberanda? 2 Ntimuzi ko aberanda bazocira urubanza isi+? None ko muzocira urubanza isi, mwumva mudashoboye guca imanza z’ibintu bitoyi cane? 3 Ntimuzi ko tuzocira imanza abamarayika+? Kubera iki none tutoca iz’ibintu vy’ubu buzima? 4 Igihe rero hari ibintu vy’ubu buzima mukeneye gutunganirizwa+, kubera iki abantu bakengerwa mw’ishengero ari bo mushinga kuba abacamanza? 5 Ndiko mvuga kugira ndabatere kumaramara. Mbega nta muntu n’umwe akerebutse muri mwebwe yoshobora gutunganiriza abavukanyi biwe? 6 Aho kubigenza gutyo, umuvukanyi aja kuburanya umuvukanyi mugenziwe, kandi akamujana imbere y’abatemera!

7 Mu vy’ukuri, iyo mufitaniye imburano muba mumaze gutsindwa. Kubera iki mutopfuma mwemera kurenganywa+? Kubera iki mutopfuma mwemera kuzurumwa*? 8 Ahubwo murarenganya mukongera mukazuruma, kandi mukabigirira abavukanyi banyu!

9 Mbega ntimuzi ko abakora ibitagororotse batazotorana Ubwami bw’Imana+? Ntimuzimizwe*: abasambanyi*+, abasenga ibigirwamana+, abarenga ibigo+, abagabo baryamana n’abandi bagabo*+, 10 ibisuma, abanyamunoho+, imborerwa+, abatukana, abambuzi ntibazotorana Ubwami bw’Imana+. 11 Yamara ukwo ni ko bamwe muri mwebwe mwari mumeze. Mugabo mwarogejwe+, murezwa+, mwitwa abagororotsi+ mw’izina ry’Umukama Yezu Kristu biciye no ku mpwemu y’Imana yacu.

12 Ibintu vyose ndavyemererwa, mugabo si vyose bifise akarusho+. Ibintu vyose ndavyemererwa, mugabo sinzokwemera kuganzwa n’ikintu na kimwe. 13 Ibifungurwa ni ivy’inda, inda na yo ni iy’ibifungurwa, mugabo ivyo vyompi Imana izobihindura ubusa+. Umubiri si uw’ubusambanyi*, ahubwo ni uw’Umukama+, Umukama na we ni uw’umubiri. 14 Vyongeye, Imana yarazuye Umukama+ kandi natwe izotuzura idukure mu rupfu+ biciye ku bubasha bwayo+.

15 Ntimuzi ko imibiri yanyu ari ibihimba vya Kristu+? Nkureho none ibihimba vya Kristu ndabimatanye n’ibihimba vy’umumaraya? Habe namba! 16 Ntimuzi ko umuntu aryamanye n’umumaraya baba babaye umubiri umwe? Kuko Imana ivuga iti: «Abo babiri bazoba umubiri umwe+.» 17 Mugabo uwunze ubumwe n’Umukama baca baba umwe mu mpwemu+. 18 Nimuhunge ubusambanyi*+. Ikindi gicumuro cose umuntu yokora ni ic’inyuma y’umubiri wiwe. Mugabo uwukora ubusambanyi aba ariko acumura ku mubiri wiwe bwite+. 19 Mbega ntimuzi ko umubiri wanyu ari urusengero+ rw’impwemu nyeranda iri muri mwebwe, iyo mwahawe n’Imana+? Vyongeye, ntimwigaba+ 20 kuko mwaguzwe igiciro kinini+. Nimuninahaze Imana+ rero mu mubiri wanyu+.

7 Ku bijanye n’ivyo mwanyandikiye, vyoba vyiza kuruta umugabo adakoze ku mugore*. 2 Yamara kubera ko hagwiriye ubusambanyi*, umugabo wese nagire umugore wiwe+, n’umugore wese agire umugabo wiwe+. 3 Umugabo nahe umugore wiwe ivyo ategerezwa kumuha*, n’umugore na we nyene abigirire umugabo wiwe+. 4 Umugore ntaganza umubiri wiwe, ahubwo uganzwa n’umugabo wiwe. N’umugabo ntaganza umubiri wiwe, ahubwo uganzwa n’umugore wiwe. 5 Ntimwimane, kiretse mwumvikanye ku bw’ikiringo kanaka, kugira muhebere umwanya ugusenga hanyuma mwongere kuja hamwe, ngo Shetani ntagume abagerageza kubera ukutigumya kwanyu. 6 Nshatse kubereka ko mubirekuriwe, si itegeko ndabahaye. 7 Mugabo noshima ko abantu bose baba nkanje. Yamara rero, umwe wese arafise ingabirano+ yahawe n’Imana, umwe uku, uwundi uku.

8 Ubu na ho mbwira abatubatse n’abapfakazi yuko ari vyiza kuruta bigumiye nk’uko ndi+. 9 Mugabo nimba badashobora kwigumya, nibubake kuko ari vyiza kwubaka kuruta kururumba inambu+.

10 Abubatse ndabahaye aya mabwirizwa, yamara si jewe ahubwo ni Umukama, yuko umugore atovana n’umugabo wiwe+. 11 Mugabo aramutse avanye na we, nagume atubatse canke na ho asubirane n’umugabo wiwe. Umugabo na we ntakwiye guta umugore wiwe+.

12 Mugabo abandi ni jewe ndababwiye, si Umukama+: nimba hari umuvukanyi afise umugore atizera, yamara uwo mugore agashima kubana na we, ntamute. 13 Kandi nimba umugore afise umugabo atizera, yamara uwo mugabo agashima kugumana na we, ntate umugabo wiwe. 14 Kuko uwo mugabo atizera yezwa kubera umugore wiwe, n’uwo mugore atizera akezwa kubera uwo muvukanyi. Ahandiho, abana banyu boba bahumanye, ariko noneho ni beranda. 15 Mugabo nimba uwutizera ahisemwo kugenda*, nagende. Mwenewacu canke mushiki wacu nta tegeko riba rikimuboshe igihe ibintu vyifashe gutyo. Imana yabahamagariye kuba mu mahoro+. 16 None ga mugore, uzi gute ko utazokiza umugabo wawe+? Weho ga mugabo, uzi gute ko utazokiza umugore wawe?

17 Ariko rero, umwe wese nagume nk’uko Imana yamuhamagaye, yisunze umugabane Yehova* yamuhaye+. Iryo ni ryo tegeko ntanga mu mashengero yose. 18 Hoba hari uwahamagawe yaragenyerewe*+? Nagume ukwo. Hoba hari uwahamagawe atagenyerewe? Ntagenyerwe+. 19 Kugenyerwa nta co bimaze, no kutagenyerwa nta co bimaze+. Kwubahiriza amabwirizwa y’Imana ni vyo bihambaye+. 20 Uko umuntu wese yahamagawe ameze kwose, nagume gutyo+. 21 Woba wahamagawe uri umushumba? Ntibiguhagarike umutima+. Ariko nimba ushobora kuba uwidegemvya, ntugishe rero ako karyo. 22 Kuko umuntu wese yahamagawe mu Mukama igihe yari umushumba, ubu ari umuntu yidegemvya kandi ni uw’Umukama+. N’uwahamagawe ari uwidegemvya ni umushumba wa Kristu. 23 Mwaguzwe igiciro kinini+. Nimureke kuba abashumba b’abantu. 24 Bavukanyi, uko umuntu wese yahamagawe ameze kwose, nagume gutyo imbere y’Imana.

25 Nayo ku bijanye n’abatarigera bubaka*, nta tegeko mfise riva ku Mukama, mugabo ndatanga iciyumviro+ nk’umuntu yagiriwe imbabazi n’Umukama ngo mbe umwizigirwa. 26 Niyumvira rero ko umuntu agumye uko ari, ari vyo vyiza kuruta, turavye ingorane zihari. 27 Woba ufise umugore? Reka kurondera kuvana na we+. Woba ata mugore ufise? Reka kumurondera. 28 Mugabo naho wokwubaka, nta gicumuro woba ukoze. Kandi umuntu atarubaka* aramutse yubatse, nta gicumuro yoba akoze. Ariko abubaka bazogira amakuba mu mubiri wabo. Mugabo jewe nashaka kuyabakingira.

29 Vyongeye bavukanyi, ivyo ndababwira ni ibi: igihe gisigaye ni kigufi+. Kuva ubu, abafise abagore bamere nk’abatabafise, 30 abarira bamere nk’abatarira, abanezerewe bamere nk’abatanezerewe, abagura bamere nk’abadafise na kimwe, 31 n’abakoresha isi bamere nk’abatayikoresha rwose, kuko ibintu vyo kuri iyi si biriko birahinduka. 32 Mu vy’ukuri, nshaka ko mutiganyira. Umugabo atubatse aganyishwa n’ivy’Umukama, ingene yoshimwa n’Umukama. 33 Ariko umugabo yubatse aganyishwa n’ivy’isi+, ingene yoshimwa n’umugore wiwe, 34 kandi aba abangikanije. Vyongeye, umugore atubatse canke umwigeme w’isugi, aganyishwa n’ivy’Umukama+, ngo abe mweranda mu mubiri no mu mutima. Ariko umugore yubatse aganyishwa n’ivy’isi, ingene yoshimwa n’umugabo wiwe. 35 Mugabo ivyo ndabivuze ku neza yanyu bwite, atari kugira ndababohere amaboko imugongo*, ahubwo kugira ndabaremeshe gukora ikibereye no kuguma mwihebeye Umukama ata kibasamaza.

36 Mugabo nimba hari uwibaza ko ariko agira ibitabereye agumye atubatse*, kandi akaba amaze kurengana imyaka y’ubuto*, ibi rero ni vyo bikwiye kuba: nakore ico ashaka, ntaba acumuye. Nibubake+. 37 Mugabo nimba umuntu yiyemeje mu mutima wiwe kuguma atubatse*, akaba yumva atabikeneye, akaba ashoboye kwigumya, kandi akaba yarafashe iyo ngingo mu mutima wiwe, azoba agize neza+. 38 N’uwubatse* aba agize neza. Ariko uwutubatse azoba agize neza kuruta+.

39 Umugore aboherwa ku mugabo wiwe igihe uwo mugabo akiriho+. Ariko iyo umugabo wiwe asinziriye mu rupfu, nta kimubuza kwubakana n’uwo ashaka, ariko yubakane gusa n’umwigishwa w’Umukama*+. 40 Mugabo uko jewe ndavyiyumvira, arushiriza guhimbarwa yigumiye uko ari. Kandi na jewe ndibaza neza ko mfise impwemu y’Imana.

8 Nayo ku vyerekeye ibifungurwa vyashikaniwe ibigirwamana+, turazi ko twese dufise ubumenyi+. Ubumenyi butera kwivyimvya, mugabo urukundo rurubaka+. 2 Nimba umuntu yiyumvira ko yamenye ikintu, ntarakimenya nk’uko yabwirizwa kukimenya. 3 Ariko nimba umuntu akunda Imana, uwo arazwi na yo.

4 Ku bijanye no gufungura ivyashikaniwe ibigirwamana, turazi ko ikigirwamana ari ubusa gusa*+ be n’uko hari Imana imwe gusa+. 5 Kuko naho hari ivyitwa imana, haba mw’ijuru canke kw’isi+, kandi koko hari «imana» nyinshi n’«abakama» benshi, 6 mu vy’ukuri kuri twebwe hari Imana imwe+ ari yo Data+. Ibintu vyose bikomoka kuri yo, kandi natwe turi abayo+. Hari Umukama umwe, Yezu Kristu. Ibintu vyose biriho biciye kuri we+, kandi natwe turiho biciye kuri we.

7 Yamara ivyo si bose babizi+. Mugabo kubera ko bamwe bahora basenga ibigirwamana, iyo bariye mwene ivyo bifungurwa, baba babona ko vyashikaniwe ibigirwamana+, maze ijwi ryabo ryo mu mutima rikababuza amahoro* kubera yuko rigoyagoya+. 8 Mugabo ibifungurwa ntibituma turushiriza kwiyegereza Imana+. Iyo tutariye nta co duhomba, n’iyo turiye nta co twunguka+. 9 Ariko mugume mwiyubara ngo uburenganzira mufise bwo guhitamwo ntibuhave butsitaza abagoyagoya+. 10 Kuko hamwe hogira uwukubona, wewe ufise ubumenyi, uriko urafungurira mu rusengero rw’ibigirwamana, mbega ijwi ryo mu mutima ry’uwo agoyagoya ntiryomwubahura gushika aho arya ivyashikaniwe ibigirwamana? 11 Kubera ubumenyi bwawe rero, uwo muntu agoyagoya ariko araja mu mahonero, kandi ari umuvukanyi wawe Kristu yapfiriye+. 12 Igihe mucumuye gutyo ku bavukanyi banyu, mugakomeretsa ijwi ryabo ryo mu mutima rigoyagoya+, muba muriko mucumura kuri Kristu. 13 Nimba rero ibifungurwa bitsitaza umuvukanyi wanje, sinzokwigera nsubira kurya inyama, kugira sintsitaze umuvukanyi wanje+.

9 Mbega sinidegemvya? Mbega sindi intumwa? Mbega sinabonye Yezu Umukama wacu+? Mbega si mwebwe gikorwa canje mu Mukama? 2 Naho ntari intumwa ku bandi, ndi intumwa koko kuri mwebwe, kuko muri ikidodo cemeza ko ndi intumwa mu Mukama.

3 Ukwiregura kwanje ku bantora amahinyu ni uku: 4 mbega ntidufise uburenganzira* bwo kurya no kunywa? 5 Mbega ntidufise uburenganzira bwo kujana n’umugore twubakanye+ yizera*, cokimwe n’izindi ntumwa na benewabo n’Umukama+ be na Kefa*+? 6 Canke, ni jewe na Barunaba+ gusa tudafise uburenganzira bwo kudakora akazi kodutunga? 7 Hari uwukora akazi k’umusoda ari we yirihira ivyo akeneye? Hari uwutera umurima w’imizabibu ntarye ku vyamwa vyawo+? Hari uwuragira ubusho ntanywe ku mata butanga?

8 Mbega ndiko mvuga ivyo bintu nisunze ivyiyumviro vy’abantu? Amategeko yoyo ntabivuga? 9 Kuko mu mategeko ya Musa handitswe ngo: «Ntimuze muzibire umunwa w’impfizi iriko irakubita ibinyantete+.» Mbega impfizi ni zo Imana ibabaye? 10 Canke riho ibivuga ku bwacu? Mu vy’ukuri ni twebwe vyandikiwe, kuko uwurima n’uwukubita ibinyantete babigira bizigiye kugira ico baronkako.

11 Ko twateye ibintu vy’impwemu muri mwebwe, twoba turengeje urugero tubimbuyeko ibintu vy’umubiri dukeneye+? 12 Nimba abandi bantu bafise uburenganzira* bwo kubibasaba, hari akantu twebwe. Yamara ntitwakoresheje ubwo burenganzira+, ahubwo twihanganira vyose kugira ntitubere intambamyi inkuru nziza yerekeye Kristu mu buryo na bumwe+. 13 Ntimuzi yuko abakora ibikorwa vyeranda barya ibintu vyo mu rusengero, abama bakorera ku gicaniro na bo bakarya ku vyatanzwe ku gicaniro+? 14 N’Umukama yategetse ko abatangaza inkuru nziza babeshwaho n’inkuru nziza+.

15 Mugabo jewe nta na kimwe nakoresheje muri ivyo+. Vy’ukuri, ibi sindavyanditse kugira hagire ivyo munkorera, kuko nopfuma mpfa hako . . . Nta muntu azonyaka imvo mfise zo kwirata+! 16 Nimba rero ndiko menyesha inkuru nziza, iyo si imvo yotuma nirata kuko mfise ikingobera. Mu vy’ukuri, noba ngowe ntamenyesheje inkuru nziza+! 17 Ndabikoranye umutima ukunze, ndaronka impembo. Ariko naho nobikora ku gahato, na ho nyene mba ngifise ibanga* njejwe+. 18 None impembo yanje ni iyihe? Ni uko mu gihe menyesha inkuru nziza noyitanga ku buntu, kugira sinkoreshe nabi uburenganzira* mfise mu bijanye n’inkuru nziza.

19 Kuko naho ndi uwidegemvya ku bantu bose, nigize umushumba kuri bose, ngo ndonke abantu benshi bashoboka. 20 Ku Bayuda nacitse nk’Umuyuda, kugira ndonke Abayuda+. Ku bagabwa n’amategeko nacitse nk’uwugabwa n’amategeko, naho jewe ubwanje ntagabwa n’amategeko, kugira ndonke abagabwa n’amategeko+. 21 Ku badafise amategeko nacitse nk’uwudafise amategeko, naho nkurikiza amategeko y’Imana kandi nkaba ngabwa n’amategeko ya Kristu+, kugira ndonke abadafise amategeko. 22 Ku bagoyagoya nacitse uwugoyagoya, kugira ndonke abagoyagoya+. Nacitse vyose ku bantu b’uburyo bwose, kugira ngo uko bishoboka kwose ngire abo nkiza. 23 Mugabo nkora vyose ku bw’inkuru nziza, kugira ndayisangire n’abandi+.

24 Ntimuzi yuko mw’isiganwa abirutsi biruka bose, mugabo umwe gusa akaba ari we aronka agashimwe? Nimwiruke ku buryo mugatsindira+. 25 Abantu bose bari mw’ihiganwa* barigumya muri vyose. Mu bisanzwe babigira kugira baronke urugori rubora+, mugabo twebwe tubigira kugira turonke urutabora+. 26 Siniruka rero nk’uwutazi iyo aja+. Ntera ibipfunsi ku buryo ntakubita umuyaga. 27 Umubiri wanje ndawukubitagura ibipfunsi*+ nkawugira umuja, kugira ngo maze kubwira abandi inkuru nziza, nanje ubwanje simpave mba uwutemewe*.

10 Bavukanyi, nshaka rero ko mumenya yuko ba sogokuruza bacu bose bagendeye munsi y’igicu+ be n’uko bose baciye mu kiyaga+, 2 bose babatizwa muri Musa biciye ku gicu no ku kiyaga, 3 bose barya ibifungurwa vy’impwemu bimwe+, 4 kandi bose banywa ikinyobwa c’impwemu kimwe+. Banyoye ku gitandara c’impwemu cabakurikira, ico gitandara kikaba cagereranya* Kristu+. 5 Yamara benshi muri bo Imana ntiyabashimye, kuko bahonerejwe mu bugaragwa+.

6 Ivyo bintu rero vyatubereye akarorero, kugira ntitwipfuze ibintu bibi nk’uko na bo bavyipfuje+. 7 Eka kandi ntimusenge ibigirwamana, nk’uko vyagendeye bamwe muri bo. Ku vyerekeye abo bantu, vyanditswe ngo: «Baricara kugira barye bongere banywe. Hanyuma barahaguruka kugira biryohere+.» 8 Eka kandi ntituze turakora ubusambanyi* nk’uko bamwe muri bo babukoze, hagapfa abantu 23.000 ku musi umwe+. 9 Eka kandi ntitukagerageze Yehova*+ nk’uko bamwe muri bo bamugerageje, bakicwa n’inzoka+. 10 Eka kandi ntimukidodombe nk’uko bamwe muri bo bidodomvye+, bakicwa n’umuranduzi+. 11 Ivyo bintu rero vyababayeko kugira bitubere akarorero, kandi vyanditswe ngo bituburire+ twebwe ababayeho mu bihe vy’iherezo.

12 Nuko rero, uwiyumvira ko ahagaze yiyubare ntagwe+. 13 Nta kigeragezo cabashikiye kidasanzwe gishikira abandi+. Ariko Imana ni iyo kwizigirwa, ntizoreka ngo mugeragezwe n’ibirenze ivyo mushobora kwihanganira+. Mugabo ikigeragezo nicashika, izobacira inzira* kugira mushobore kucihanganira+.

14 Nuko rero bakundwa, nimuhunge ivyo gusenga ibigirwamana+. 15 Mvuga nk’uwubwira abari n’ugutahura. Nimwisuzumire ivyo mvuga. 16 Igikombe c’umuhezagiro, kimwe dushimira Imana*, mbega ntigisobanura ugusangira amaraso ya Kristu+? Umukate tumanyura, mbega ntusobanura ugusangira umubiri wa Kristu+? 17 Kubera ko hari umukate umwe, turi umubiri umwe naho turi benshi+, kuko twese dufungura kuri uwo mukate umwe.

18 Nimurabe Isirayeli yo mu buryo bw’umubiri: mbega abarya ku bimazi ntibasangira n’igicaniro+? 19 None nshaka kuvuga iki? Noba nshaka kuvuga ko ivyashikaniwe ibigirwamana hari ico bimaze? Canke ko ibigirwamana hari ico bimaze? 20 Oya. Ahubwo nshaka kuvuga yuko ivyo amahanga ashikana, abishikanira amadayimoni, ntabishikanira Imana+. Nanje sinshaka ko musangira n’amadayimoni+. 21 Ntimushobora kunywa ku gikombe ca Yehova* no ku gikombe c’amadayimoni. Ntimushobora gufungurira ku «meza ya Yehova*+» no ku meza y’amadayimoni. 22 Canke dushaka “gutera Yehova* inzigo*+?” Mbega turamurusha inkomezi?

23 Vyose biremewe mugabo si vyose bifise akarusho. Vyose biremewe mugabo si vyose vyubaka+. 24 Umuntu wese ntagume arondera akarusho kiwe bwite, ahubwo arondere ak’uwundi+.

25 Inyama zose zigurishwa mw’isoko nimuzirye ata co mubajije kubera ijwi ryanyu ryo mu mutima, 26 kuko «isi n’ibiri muri yo vyose ari ivya Yehova*+.» 27 Nihagira uwutizera abatumira mugashima kujayo, murarya ivyo abahaye vyose ata co mubajije kubera ijwi ryanyu ryo mu mutima. 28 Mugabo hagize uwubabwira ati: «Ibi vyatanzweko ikimazi», ntimubirye kubera uwo abibabwiye no kubera ijwi ryo mu mutima+. 29 Sindiko mvuga ijwi ryawe ryo mu mutima, ahubwo ni iry’uwo wundi. Kubera iki nokoresha umwidegemvyo wanje ngakora ikintu cotuma ijwi ryo mu mutima ry’uwundi rincira urubanza+? 30 Nimba mfungura nkenguruka, kubera iki novugwa nabi nzira ibifungurwa nshimira Imana+?

31 Nuko rero, mwaba murya canke munywa canke mukora ikindi kintu cose, mukore vyose kugira Imana ininahazwe+. 32 Mwirinde gutsitaza Abayuda n’Abagiriki* n’ishengero ry’Imana+, 33 nk’uko na jewe ngerageza gushimisha bose muri vyose, sindondere akarusho kanje bwite+, ahubwo nkarondera aka benshi, kugira bakizwe+.

11 Munyigane nk’uko nanje nigana Kristu+.

2 Ndabakeza rero kubera ko munzirikana muri vyose kandi mukaguma mukurikiza ivyo nabashikirije, kurya nyene nabibashikirije. 3 Mugabo nshaka ko mumenya yuko uwugaba* umugabo wese ari Kristu+, uwugaba* umugore ni umugabo+, uwugaba* Kristu na we ni Imana+. 4 Umugabo wese asenga canke avuga ubuhanuzi yitwikiriye umutwe aba amaramaje uwumugaba*. 5 Mugabo umugore wese asenga canke avuga ubuhanuzi+ adatwikiriye umutwe, aba amaramaje uwumugaba* kuko ata ho yoba ataniye n’umugore afise umutwe umoye. 6 Umugore atitwikiriye, namweshe umushatsi. Mugabo nimba ari agaterasoni ku mugore kwimosha canke kwiharanguza, niyitwikire.

7 Umugabo ntakwiye kwitwikira umutwe kubera ari ishusho y’Imana+ n’ubuninahazwa bwayo, mugabo umugore ni ubuninahazwa bw’umugabo. 8 Kuko umugabo atavuye mu mugore, ahubwo umugore ni we yavuye mu mugabo+. 9 Vyongeye, umugabo ntiyaremwe kubera umugore, ahubwo umugore yaremwe kubera umugabo+. 10 Ni co gituma umugore abwirizwa kuba afise ku mutwe ikimenyetso c’uko agamburuka ubukuru, kubera abamarayika+.

11 Vyongeye, mu bigishwa b’Umukama, nta mugore abaho hatariho umugabo kandi nta mugabo abaho hatariho umugore. 12 Kuko, nk’uko umugore ava mu mugabo+, ni ko n’umugabo abaho biciye ku mugore, mugabo ibintu vyose biva ku Mana+. 13 Nimuruce namwe ubwanyu: mbega birabereye ko umugore asenga Imana atitwikiriye? 14 Mbega muravye uko turemwe, ntibibigisha yuko iyo umugabo afise umushatsi muremure biba biteye isoni, 15 mugabo ko iyo umugore afise umushatsi muremure, bimutera iteka? Umushatsi yawuhawe mu kibanza c’ikintu yitwikira mu mutwe. 16 Ariko nimba hari uwushaka gushigikira uwundi mugenzo kanaka, nta wundi dufise, n’amashengero y’Imana ni ukwo.

17 Mugabo mu kubaha aya mabwirizwa sindabakeza, kuko iyo mukoraniye hamwe ata vyiza bibazanira, ahubwo bibagirira nabi. 18 Ubwa mbere hoho, amatwi ansumira ngo iyo mukoraniye hamwe mw’ishengero muricamwo ibice, kandi ku rugero kanaka ivyo ndavyemera. 19 Kuko hatazobura kubaho utugwi muri mwebwe+, kugira abemerwa n’Imana bibonekeze.

20 Igihe mukoraniye hamwe, mu vy’ukuri si ukugira murye imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba+. 21 Kuko hageze ko muzirya, umwe wese abanza kurya imfungurwa zo ku mugoroba ziwe bwite, ku buryo umwe aba ashonje mugabo uwundi aborewe. 22 Mbega nta mazu yo kuriramwo no kunyweramwo mufise? Canke murasuzugura ishengero ry’Imana mukamaramaza abatagira ikintu na kimwe? Mbega ndababwire iki? Ndabakeze? Muri ivyo sindabakeza.

23 Kuko ico nahawe n’Umukama ari co nanje nabahereje: mw’ijoro+ Umukama Yezu yagira agurishwemwo*, yatoye umukate 24 hanyuma amaze gukenguruka arawumanyagura, avuga ati: «Uyu mukate ugereranya umubiri wanje+ utanzwe ku bwanyu. Muragume mugira ibi mu kunyibuka+.» 25 Bahejeje kwihereza imfungurwa*, abigenza gutyo nyene no ku gikombe+. Avuga ati: «Iki gikombe kigereranya isezerano rishasha+ rizokwemezwa n’amaraso yanje+. Muragume mugira ibi igihe cose muzokinywako, mu kunyibuka+.» 26 Kuko igihe cose muriye uyu mukate mukanywa no kuri iki gikombe, muguma mutangaza urupfu rw’Umukama, gushika aje.

27 Uwo wese rero arya ku mukate canke anywa ku gikombe c’Umukama mu buryo butabereye, azoba acumuye ku mubiri n’amaraso vy’Umukama. 28 Umuntu wese nabanze arabe ko abereye amaze kwisuzuma neza+, abe ari ho abona kurya ku mukate no kunywa ku gikombe. 29 Kuko uwurya akongera akanywa kandi adatahura insobanuro y’umubiri, aba ariye kandi anyoye urubanza rumutsinda. 30 Ni co gituma benshi muri mwebwe bagoyagoya, bakarwara, n’abatari bake bakaba basinziriye mu rupfu*+. 31 Mugabo twisuzumye neza, ntitwocirwa urubanza. 32 Ariko iyo duciriwe urubanza, tuba dutojwe indero na Yehova*+, kugira ntidutsindirwe hamwe n’isi+. 33 Nuko rero bavukanyi, iyo mukoraniye hamwe ngo murye izo mfungurwa, nimube murindirana. 34 Nimba hari uwushonje, nafungure muhira iwe, kugira ngo iyo mukoraniye hamwe ntimucirwe urubanza+. Mugabo ibisigaye nzobitunganya ninashika hiyo.

12 Nayo ibijanye n’ingabirano z’impwemu+ ga bavukanyi, sinshaka ko mutabimenya. 2 Murazi yuko igihe mwari abanyamahanga*, mwoshwa mugakurikira ibigirwamana bitavuga+, mukaja iyo bibajanye hose. 3 Nshaka rero ko mumenya yuko ata muntu avugishwa n’impwemu y’Imana avuga ngo: «Yezu ni ikivume!», kandi nta muntu ashobora kuvuga ngo: «Yezu ni Umukama!» atabitumwe n’impwemu nyeranda+.

4 Rero hari ingabirano zitandukanye, mugabo hari impwemu imwe+. 5 Hari ibikorwa vy’Imana* bitandukanye+, yamara hari Umukama umwe. 6 Hari n’imirimo itandukanye*, yamara Imana imwe ni yo ikora iyo mirimo yose mu bantu bose+. 7 Mugabo impwemu irigaragaza kuri umwe wese kugira bigirire akamaro bose+. 8 Biciye ku mpwemu, umuntu umwe arahabwa ijambo* ry’ubukerebutsi, uwundi agahabwa ijambo ry’ubumenyi biciye kuri iyo mpwemu nyene, 9 uwundi agahabwa ukwizera+ biciye kuri nya mpwemu nyene, uwundi agahabwa ingabirano zo gukiza+ biciye kuri iyo mpwemu imwe, 10 uwundi na we agahabwa gukora ibikorwa vy’ububasha+, uwundi kuvuga ubuhanuzi, uwundi gutahura amajambo yahumetswe+, uwundi kuvuga indimi zitandukanye+, uwundi na we gusobanura indimi+. 11 Mugabo iyo mpwemu nyene ni yo ikora ivyo vyose, igaha umwumwe wese ubwo bushobozi nk’uko igomba.

12 Kurya nyene umubiri ari umwe mugabo ukaba ufise ibihimba vyinshi, kandi ibihimba vyose vy’uwo mubiri bikaba bigize umubiri umwe naho ari vyinshi+, na Kristu ni ukwo. 13 Kuko twese twabatijwe mu mubiri umwe biciye ku mpwemu imwe, baba Abayuda canke Abagiriki*, baba abashumba canke abidegemvya, kandi twese twanyweshejwe impwemu imwe.

14 Kuko mu vy’ukuri umubiri utagizwe n’igihimba kimwe, ahubwo ugizwe na vyinshi+. 15 Hamwe ikirenge covuga ngo: «Ko ntari ikiganza, sindi uwo ku mubiri», ntibica bituma kitaba ico ku mubiri. 16 Kandi hamwe ugutwi kwovuga ngo: «Ko ntari ijisho, sindi uwo ku mubiri», ntibica bituma kutaba ukwo ku mubiri. 17 Iyo umubiri wose uba ijisho, ukwumva kwobaye hehe? Iyo wose uba ukwumva, ukumoterwa kwobaye hehe? 18 Mugabo noneho kimwe cose mu bihimba vy’umubiri, Imana yagihaye ikibanza ishaka.

19 Iyo vyose biba ari igihimba kimwe, umubiri wobaye hehe? 20 Mugabo noneho ni ibihimba vyinshi, yamara umubiri ni umwe. 21 Ijisho ntirishobora kubwira ikiganza ngo: «Sindagukeneye», eka n’umutwe ntushobora kubwira ibirenge ngo: «Sindabakeneye.» 22 Ahubwo riho, ibihimba vy’umubiri bisa n’ibigoyagoya kuruta ibindi birakenewe. 23 Ibihimba vy’umubiri twiyumvira ko bidakeneye iteka cane turabitera iteka ryinshi kuruta+. Ibihimba vy’umubiri wacu rero bisa n’ibidahimbaye ni vyo dufatana icubahiro cinshi kuruta, 24 mu gihe ibihimba vy’umubiri wacu biteye igomwe ata kintu na kimwe bikeneye. Yamara rero, ukwo ni ko Imana yatunganije umubiri, iha iteka ryinshi ibihimba vyari n’ico bihajije, 25 kugira ngo ntihabe ukwicamwo ibice mu mubiri, ahubwo ibihimba vyawo vyitwararikane+. 26 Iyo igihimba kimwe kibabaye, ibindi bihimba vyose bibabarana na co+, canke iyo igihimba kimwe gitewe iteka, ibindi bihimba vyose binezeranwa na co+.

27 Namwe rero muri umubiri wa Kristu+, umwe wese muri mwebwe akaba ari igihimba cawo+. 28 Kandi Imana yashize ivyo bihimba bitandukanye mw’ishengero: ubwa mbere intumwa+, ubwa kabiri abahanuzi+, ubwa gatatu abigisha+, hanyuma abakora ibikorwa vy’ububasha+, hanyuma abafise ingabirano zo gukiza+, abakora ibikorwa vy’ingirakamaro, abafise ubushobozi bwo kuyobora+ n’abavuga indimi zitandukanye+. 29 Mbega bose ni intumwa? Mbega bose ni abahanuzi? Mbega bose ni abigisha? Mbega bose bakora ibikorwa vy’ububasha? 30 Mbega bose bafise ingabirano zo gukiza? Mbega bose bavuga izindi ndimi+? Mbega bose ni abasobanuzi*+? 31 Mugabo mugume mwihatira kuronka* ingabirano ziruta izindi+. Yamara jewe ndabereka inzira y’agahebuza+.

13 Hamwe novuga mu ndimi z’abantu n’iz’abamarayika mugabo nkaba ntagira urukundo, noba ncitse icuma c’umuringa bakubita kikavuga canke icuma kivuzwa kigasāma. 2 Naho noba mfise ingabirano yo kuvuga ubuhanuzi, nkatahura n’amabanga meranda yose n’ubumenyi+ bwose, kandi naho noba mfise ukwizera kwose ku buryo nimura imisozi, mugabo nkaba ntagira urukundo, noba ndi ubusa*+. 3 Naho notanga ivyo ntunze vyose kugira ngaburire abandi+, kandi naho notanga umubiri wanje kugira nirate, mugabo nkaba ntagira urukundo+, nta co vyoba bimariye.

4 Urukundo+ rurihangana*+ kandi rugira neza*+. Urukundo ntirugira ishari+, ntirwiyemera, ntirwivyimvya+, 5 ntirwigenza ukutabereye*+, ntirurondera inyungu zarwo bwite+, ntirukaza ishavu+. Ntiruza ruraharura ikibi rukorewe*+. 6 Ntirunezererwa ibitagororotse+, ahubwo runezeranwa n’ukuri. 7 Rurenzako muri vyose+, rwemera vyose+, rwizigira vyose+, rwihanganira vyose+.

8 Urukundo ntirwigera runanirwa*. Mugabo zaba ingabirano zo kuvuga ubuhanuzi zizokurwaho, zaba indimi* zizovaho, bwaba ubumenyi buzokurwaho. 9 Kuko dufise ubumenyi bw’igice+ kandi tukavuga ubuhanuzi bw’igice. 10 Mugabo igikwiye nicashika, ivy’igice bizokurwaho. 11 Nkiri umwana navuga nk’umwana, nkiyumvira nk’umwana, nkatahura nk’umwana. Mugabo ubu ko nabaye umugabo, narahevye ibiranga umwana. 12 Kuko ubu tubona ivyijiji* mu cirore c’icuma, mugabo ico gihe hoho tuzobona imbonankubone. Ubu nzi igice, mugabo ico gihe hoho nzomenya neza* nk’uko nanje nzwi neza. 13 Ariko ibi bitatu bigumaho: ukwizera, icizigiro n’urukundo. Mugabo ikiruta ivyo vyose ni urukundo+.

14 Mukurikirane urukundo, yamara mugume mwihatira kurondera* ingabirano z’impwemu, ariko canecane ingabirano yo kuvuga ubuhanuzi+. 2 Uwuvuga mu rundi rurimi ntabwira abantu ahubwo abwira Imana, kuko ata n’umwe amutahura+ naho aba ariko avuga amabanga meranda+ biciye ku mpwemu. 3 Ariko uwuvuga ubuhanuzi arubaka abantu, akabaremesha, akongera akabirura biciye ku vyo avuga. 4 Uwuvuga mu rundi rurimi ariyubaka, mugabo uwuvuga ubuhanuzi yubaka ishengero. 5 Nashaka ko mwese muvuga mu zindi ndimi+, mugabo nshima ko muvuga ubuhanuzi+. Mu vy’ukuri, uwuvuga ubuhanuzi araruta uwuvuga mu zindi ndimi, kiretse uwo avuga mu zindi ndimi asobanuye* kugira ngo ishengero ryubakwe. 6 Ariko bavukanyi, nka hamwe ubu noza iwanyu mvuga mu zindi ndimi, noba ndabafashije iki ntababwiye ivyo Imana yahishuye+ canke ubumenyi+ canke ubuhanuzi canke inyigisho?

7 Ni ko bimeze no ku bintu bidafise ubuzima birekura ijwi, waba umwironge canke inanga. Hatagiye haraca imyanya hagati y’amajwi, umuntu yomenya gute umuziki uriko uravuzwa ku mwironge canke ku nanga? 8 Urumbete ruvugije ijwi ritazwi, ni nde yokwitegurira urugamba? 9 Namwe mudakoresheje ururimi mu kuvuga ibintu vyoroshe gutahura, umuntu azomenya gute ibiriko biravugwa? Mu vy’ukuri, muzoba muriko murabwira umuyaga. 10 Mw’isi hashobora kuba hari indimi nyinshi zitandukanye, yamara nta na rumwe rudafise insobanuro. 11 Nimba rero ntatahura ururimi ruriko ruravugwa, nzoba mbaye umunyamahanga ku wuriko aravuga, n’uwuriko aravuga azoba abaye umunyamahanga kuri jewe. 12 Ko namwe rero mwipfuza cane ingabirano z’impwemu, nimurondere kugira ingabirano nyinshi zizotuma ishengero ryubakwa+.

13 Uwuvuga mu rundi rurimi rero nasenge kugira ashobore gusobanura*+. 14 Kuko iyo ndiko ndasenga mu rundi rurimi, aba ari ingabirano yanje y’impwemu iriko irasenga, mugabo ubwenge bwanje nta co buba buriko buratahura*. 15 Hakorwe iki none? Nzosengana ingabirano y’impwemu, mugabo kandi nzokoresha ubwenge bwanje mu gusenga. Nzoririmba ishemezo nkoresheje ingabirano y’impwemu, mugabo kandi nzokoresha ubwenge mu kuririmba ishemezo. 16 Ahandiho, niwashemeza Imana biciye ku ngabirano y’impwemu, umuntu asanzwe muri kumwe azovuga gute «Amen» kw’isengesho ryawe ryo gukenguruka, kandi adatahura ivyo uriko uravuga? 17 Ego ni ko, uba uriko urakenguruka mu buryo bwiza, mugabo uwo wundi muntu ntaba ariko arubakwa. 18 Ndakengurukira Imana kuba mvuga mu ndimi nyinshi kubaruta mwese. 19 Yamara rero, mw’ishengero nopfuma mvuga amajambo atanu niyumviriye neza* kugira nigishe n’abandi*, hako mvuga amajambo ibihumbi cumi mu rundi rurimi+.

20 Bavukanyi, ntimube abana mu bijanye no gutegera+, ahubwo mube abana mu bijanye n’ikibi+. Mu bijanye no gutegera mube abantu bakuze+. 21 Mu mategeko handitswe ngo: «“Nzovugana n’iri hanga nkoresheje indimi z’abanyamahanga n’iminwa ya ba kavamahanga, yamara na ho nyene ntibazonyumviriza”, ni ko Yehova* avuga+.» 22 Indimi rero si ikimenyetso ku bizera, ahubwo ni ikimenyetso ku batizera+. Mugabo ubuhanuzi si ubw’abatizera, ahubwo ni ubw’abizera. 23 Hamwe none ishengero ryose ryokoranira hamwe maze bose bakavuga mu zindi ndimi, hanyuma hakinjira abantu basanzwe canke batizera, mbega ntibazovuga ko mwasaze? 24 Mugabo iyo mwese muriko muvuga ubuhanuzi hanyuma umuntu atizera canke asanzwe akinjira, ivyo mwese muvuga bizotuma yikosora, bimufashe kwisuzuma neza. 25 Amabanga yo mu mutima wiwe azoca aja ahabona, ku buryo yunama mu maso hagashika hasi, agasenga Imana, akavuga ati: «Ni ukuri Imana iri kumwe namwe+.»

26 Bavukanyi, hakorwe iki none? Iyo mukoraniye hamwe, umwe araririmba amazaburi, uwundi akigisha, uwundi akavuga ivyo yahishuriwe n’Imana, uwundi akavuga urundi rurimi, uwundi agasobanura+. Vyose nibibe ku bwo kwubaka ishengero. 27 Kandi nimba hari abavuga mu zindi ndimi, nibagarukire kuri babiri canke batatu babaye benshi, kandi bakurakuranwe, hagire n’uwusobanura*+. 28 Mugabo nimba ata wusobanura* ahari, nibagume bacereje mw’ishengero, bibwire, babwire n’Imana. 29 Nihavuge abahanuzi+ babiri canke batatu, abandi na bo bumvirize kugira batahure insobanuro. 30 Mugabo nimba hari uwundi ahishuriwe igihe yicaye ng’aho, umwe wa mbere yariko aravuga nacereze. 31 Kuko mwese mushobora kuvuga ubuhanuzi, ariko hakavuga umwumwe, kugira ngo bose bige kandi bose baremeshwe+. 32 Kandi ingabirano z’impwemu z’abahanuzi zikwiye gukoreshwa neza n’abahanuzi. 33 Kuko Imana atari Imana y’akajagari, ahubwo ni iy’amahoro+.

Nk’uko biri mu mashengero yose y’aberanda, 34 abagore nibacereze mu mashengero, kuko bitemewe ko bavuga+. Mugabo nibagamburuke*+ nk’uko n’amategeko abivuga. 35 Nimba rero hari kintu bashaka kumenya, nibabaze abagabo babo i muhira, kuko ari agaterasoni ku mugore kuvuga mw’ishengero.

36 Mbega ijambo ry’Imana ryaje riva iwanyu, canke ryashikiriye mwebwe mwenyene?

37 Nimba umuntu yiyumvira ko ari umuhanuzi canke ko afise ingabirano y’impwemu, akwiye kwemanga ko ibintu ndabandikiye ari ibwirizwa ry’Umukama. 38 Mugabo nimba umuntu atavyemera, ntazokwemerwa*. 39 Nuko rero bavukanyi, mugume mwihatira kuvuga ubuhanuzi+, yamara ntimubuze ivyo kuvuga mu zindi ndimi+. 40 Mugabo ibintu vyose nibibe mu buryo bubereye kandi ku rutonde+.

15 Ubu rero bavukanyi, ndabibukije inkuru nziza nabamenyesheje+, imwe kandi mwemeye, mukayishigikira. 2 Vyongeye, biciye kuri iyo nkuru nziza nabamenyesheje, muriko murakizwa, mukire kuguma muyumiyeko. Atari ukwo mwoba mwizereye ubusa.

3 Kuko mu bintu vya mbere nabahaye harimwo ivyo nanje nahawe, yuko Kristu yapfuye ku bw’ibicumuro vyacu nk’uko Ivyanditswe bivuga+, 4 ko yahambwe+, kandi ko yazuwe+ ku musi ugira gatatu+ nk’uko Ivyanditswe bivuga+, 5 be n’uko yiyeretse Kefa*+, hanyuma bamwe cumi na babiri+. 6 Inyuma y’ivyo, yiyerekeye icarimwe abavukanyi barenga 500+, benshi muri bo bakaba bakiri kumwe natwe, naho bamwe bamaze gusinzira mu rupfu. 7 Mu nyuma yiyeretse Yakobo+, maze yiyereka intumwa zose+. 8 Mugabo inyuma ya bose, nanje yaranyiyeretse+ meze nk’umwana yavutse atageze.

9 Kuko ndi uwo hasi cane mu zindi ntumwa, kandi simbereye kwitwa intumwa, kuko nahamye ishengero ry’Imana+. 10 Mugabo bivuye ku buntu buhebuje* Imana yangiriye, ndi ico ndi. Kandi ubwo buntu yangiriye ntibwabaye impfagusa, kuko nabize akuya kubarusha bose. Yamara si jewe ahubwo ni ubuntu buhebuje Imana yangiriye buri kumwe nanje. 11 Rero yaba jewe canke bo, ubwo ni bwo butumwa twamamaza kandi ni bwo namwe mwizeye.

12 Nimba rero turiko turamamaza ko Kristu yazuwe mu bapfuye+, bishoboka bite ngo bamwe muri mwebwe bavuge ko ata zuka ry’abapfuye ririho? 13 Nimba vy’ukuri ata zuka ry’abapfuye ririho, na Kristu rero ntiyazuwe. 14 Mugabo nimba Kristu atazuwe, mu vy’ukuri ivyo twamamaza ni ivy’ubusa, n’ukwizera kwanyu ni ukw’ubusa. 15 Vyongeye, nimba vy’ukuri abapfuye batazurwa, duca tuba ivyabona vy’Imana+ bivuga ikinyoma, kuko twashinze intahe y’ikinyoma tuvuga ko Imana yazuye Kristu+ kandi itamuzuye. 16 Kuko nimba abapfuye batazurwa, na Kristu ntiyazuwe. 17 Vyongeye, nimba Kristu atazuwe, ukwizera kwanyu nta co kumaze. Muracari mu bicumuro vyanyu+. 18 N’ikindi kandi, abasinziriye mu rupfu bunze ubumwe na Kristu bagiye akagirire+. 19 Asangwa twizigiye Kristu ngo tuzotahire ubu buzima bwonyene, turateye akagongwe kuruta abandi bose.

20 Ariko noneho Kristu yarazuwe mu bapfuye, aba uwa mbere* mu basinziriye mu rupfu+. 21 Kubera ko urupfu rwazananye ku muntu+, n’izuka ry’abapfuye rizanana ku muntu+. 22 Kurya nyene abantu bose bapfa kubera Adamu+, ni ko abantu bose bazogirwa bazima kubera Kristu+. 23 Mugabo umwe wese ni ku mwanya wiwe: Kristu ni we atangura*+, hanyuma aba Kristu mu gihe c’ukugaruka* kwiwe+. 24 Amaherezo azoca ashikiriza Ubwami Imana yiwe ari yo Se, amaze guhindura ubusa intwaro zose n’ububasha bwose n’ubushobozi bwose+. 25 Kuko ategerezwa kuganza gushika Imana ishize abansi bose munsi y’ibirenge vyiwe+. 26 Kandi urupfu ni we mwansi wa nyuma azokurwaho+. 27 Kuko Imana «yashize ibintu vyose munsi y’ibirenge vyiwe ngo abiganze+.» Mugabo igihe ivuga ko ibintu vyose vyatanzwe ngo biganzwe+, biraboneka yuko hatarimwo uwamuhaye vyose ngo abiganze+. 28 Mugabo igihe ibintu vyose Umwana azoba yabihawe ngo abiganze, na we ubwiwe azokwemera kuganzwa n’uwamuhaye kuganza ibintu vyose+, ngo Imana ibe vyose ku bantu bose+.

29 Ahandiho, ababatizwa kugira babe abapfuye, bizobagendera gute+? Nimba abapfuye batazokwigera bazurwa, kubera iki none babatizwa kugira babe abapfuye? 30 Kubera iki kandi twama mu kaga igihe cose*+? 31 Buri musi mpangana n’urupfu. Ni ko biri bavukanyi nka kurya nyene ndabishimira muri Kristu Yezu Umukama wacu. 32 Nimba narwanye n’ibikoko i Efeso+ cokimwe n’abandi bantu*, bimariye iki? Nimba abapfuye batazurwa, «turye, tunywe kuko ejo tuzopfa+.» 33 Ntimuzimizwe. Kwifatanya n’abantu babi vyonona ingeso nziza*+. 34 Nimugarure akenge mukore ibigororotse kandi mwirinde kuza muracumura, kuko bamwe muri mwebwe batazi Imana. Ivyo ndabivuze kugira ngo mumaramare.

35 Yamara hari uwovuga ati: «None abapfuye bazozurwa gute? Mbega bazoza bafise umubiri bwoko ki+?» 36 Wa mburabwenge we! Ntuzi yuko ico uteye kiba kizima kibanje gupfa? 37 Kandi iyo uteye ntutera igiterwa* kimaze gukura, ahubwo utera urutete rwonyene, rwaba ari urw’ingano canke urw’ubundi bwoko. 38 Mugabo imbuto uteye, Imana irayiha umutumba* nk’uko ishaka, imwimwe yose ikayiha umutumba wayo. 39 Imibiri yose si imwe. Hari imibiri y’abantu, iy’ibitungwa, iy’inyoni n’iy’ifi. 40 Hari n’imibiri yo mw’ijuru+ n’iyo kw’isi+. Mugabo ubwiza bw’imibiri yo mw’ijuru buratandukanye n’ubw’imibiri yo kw’isi. 41 Ubwiza bw’izuba n’ubw’ukwezi n’ubw’inyenyeri buratandukanye+. Kandi inyenyeri imwe yose ifise ubwiza butandukanye n’ubw’iyindi.

42 N’izuka ry’abapfuye ni ukwo. Haterwa* umubiri ubora, hakazurwa uwutabora+. 43 Uterwa mu gateterwe, ukazurwa ufise iteka*+. Uterwa ugoyagoya, ukazurwa ufise ububasha+. 44 Haterwa umubiri w’inyama, hakazurwa umubiri w’impwemu. Nimba hariho umubiri w’inyama, hariho n’uw’impwemu. 45 Vyanditswe ngo: «Adamu wa mbere yabaye umuntu muzima+.» Adamu wa nyuma yabaye impwemu itanga ubuzima+. 46 Mugabo ntihatanguye umubiri w’impwemu. Hatanguye umubiri w’inyama hanyuma hakurikira uw’impwemu. 47 Umuntu wa mbere ava kw’isi, akaba yahinguwe mu mukungugu+. Umuntu wa kabiri ava mw’ijuru+. 48 Kurya uwahinguwe mu mukungugu ameze, ni ko n’abandi bahinguwe mu mukungugu bameze. Kurya uwo mw’ijuru ameze, ni ko n’abandi bo mw’ijuru bameze+. 49 Kandi nk’uko twambaye ishusho y’umwe yahinguwe mu mukungugu+, ni ko tuzokwambara n’ishusho y’uwo mw’ijuru+.

50 Ariko ico ndababwiye bavukanyi, ni uko ab’inyama n’amaraso badashobora gutorana Ubwami bw’Imana, eka n’umubiri ubora ntushobora gutorana ukutabora. 51 Umve rero ndababwire ibanga ryeranda: ntituzosinzira mu rupfu twese, mugabo twese tuzohindurwa+ 52 mu kanya gato, mu kanya nk’ako gukubita urugohe, urumbete rwa nyuma nirwavuga. Kuko urumbete ruzovuga+, abapfuye bakazurwa badashobora kubora, natwe tugahindurwa. 53 Kuko uwu mubiri ubora utegerezwa kwambara ukutabora+, uwu mubiri upfa ugategerezwa kwambara ukudapfa+. 54 Mugabo uwu mubiri ubora niwambara ukutabora, uwu mubiri upfa ukambara ukudapfa, hazoca haranguka rya jambo ryanditswe rivuga ngo: «Urupfu ruramizwe ubutakigaruka+.» 55 «Wa rupfu we, intsinzi yawe iri hehe? Wa rupfu we, uruboyi rwawe ruri hehe+?» 56 Uruboyi ruzana urupfu ni igicumuro+, mugabo ububasha bw’igicumuro ni amategeko*+. 57 Ariko Imana ishimwe, kuko iduha intsinzi biciye ku Mukama wacu Yezu Kristu+!

58 Nuko rero bavukanyi nkunda cane, nimushikame+, ntimunyiganyige. Mwame mufise vyinshi mukora+ mu gikorwa c’Umukama, muzi yuko akuya mubira atari ak’ubusa+ mu Mukama.

16 Nayo ku bijanye no kwegeranya intererano z’aberanda+, murashobora kubigira nk’uko nasavye amashengero y’i Galatiya kubigira. 2 Ku musi wa mbere buri ndwi, umwe wese muri mwebwe akwiye kuraba ico ashira ku ruhande bivanye n’uburyo afise, kugira ngo ntimwegeranye intererano ari uko nshitse. 3 Mugabo ninashika hiyo, nzorungika i Yeruzalemu abagabo mwashimye mu makete muzoba mwanditse+, bagende bajanye ingabire mwatanganye umutima mwiza. 4 Ariko nivyaba ari vyiza ko na jewe njayo tuzojana.

5 Mugabo nzoza iwanyu maze guca i Masedwane, kuko nzocayo+. 6 Kandi hari aho nomarana namwe imisi canke mbere tukamarana urushana, kugira ngo muzomperekeze gatoyi iyo nzoba ngiye hose. 7 Sinshaka kubaraba ubu ndiko ndarengana, kubera yuko nizigiye kumarana namwe igihe kanaka+, Yehova* niyabigomba. 8 Mugabo mbaye ndaguma i Efeso+ gushika ku musi mukuru wa Pentekoti, 9 kuko nugururiwe umuryango munini unshikana ku bikorwa+, ariko abansi ni benshi.

10 Timoteyo+ niyashika, muzokorane neza kugira ngo ntagire ikimutera ubwoba ari kumwe namwe, kuko ariko akora igikorwa ca Yehova*+, cokimwe nanje. 11 Ntihaze hagire rero n’umwe amugaya. Muzomurungike amahoro kugira aze iyo ndi, kuko twe n’abavukanyi tumurindiriye.

12 Nayo ku vyerekeye umuvukanyi wacu Apolo+, naramwinginze cane ngo azanane n’abavukanyi iwanyu. Ntiyashimye kuza ubu, mugabo azoza niyaronka akaryo.

13 Mugume muri maso+, mushikame mu kwizera+, mube abagabo*+, mukomere+. 14 Ivyo mukora vyose mubikorane urukundo+.

15 Bavukanyi, murazi yuko abo mu rugo rwa Sitefana ari bo batanguye kuba abigishwa* i Akaya be n’uko bitanze kugira bakorere aberanda. Ndabahimiriza rero 16 ngo namwe mugume muyobokera abantu mwene abo be n’abo bose basenyera ku mugozi umwe kandi bakabira akuya+. 17 Mugabo ndanezerewe kuba Sitefana+ na Forutunato na Akayiko bari ng’aha, kubera ko bahababereye. 18 Kuko baruhuriye umutima wanje n’uwanyu. Nuko rero mutere iteka abantu mwene abo.

19 Amashengero yo muri Aziya arabaramutsa. Akwila na Prisika* hamwe n’ishengero risengera mu nzu yabo+ barabaramutsa bimwe bivuye ku mutima, mwese abigishwa b’Umukama bagenzi babo. 20 Abavukanyi bose barabaramutsa. Muramukanye mu kugumbirana n’igishika*.

21 Ng’iyi indamutso yanje jewe Pawulo nanditse n’ukuboko kwanje.

22 Nimba hari uwudakunda Umukama, arakavumwa. Ewe Mukama wacu, ingo! 23 Ubuntu buhebuje* bw’Umukama Yezu bubane namwe. 24 Mwese abunze ubumwe na Kristu Yezu ndabakunda.

Raba Insiguro y’amajambo.

Canke «musangire.»

Yitwa kandi Petero.

Canke «imvugo y’ubukerebutsi.»

Raba Insiguro y’amajambo.

Raba Insiguro y’amajambo.

Canke «ndabuhindire ku ruhande.»

Ni ukuvuga umuhinga mu vy’amategeko.

Canke «iki gihe.» Raba Insiguro y’amajambo (Igihe).

Ni ukuvuga ubukerebutsi bw’isi.

Biboneka ko ari abantu batari Abayuda, bavuga ikigiriki.

Biboneka ko ari abantu batari Abayuda, bavuga ikigiriki.

Canke «dufatiye ku kuntu abantu babona ibintu.»

Canke «bavuka mu banyacubahiro.»

Canke «igifise umubiri na kimwe.»

Raba Inyongera ya A5.

Mu kigiriki havuga ngo «kutamenya.»

Canke «bw’iki gihe.» Raba Insiguro y’amajambo (Igihe).

Raba Insiguro y’amajambo (Igihe).

Canke «b’iki gihe.» Raba Insiguro y’amajambo (Igihe).

Canke «kwicira ku giti.»

Canke «tugahuza ibintu vy’impwemu n’amajambo y’impwemu.»

Canke «ntiyakira.»

Canke «umuzirikanyi.»

Raba Inyongera ya A5.

Canke «umuzirikanyi.»

Canke «bafise umugambi umwe.»

Raba Insiguro y’amajambo.

Canke «nk’umuyobozi w’ibikorwa w’inkerebutsi.»

Mu kigiriki havuga ngo «kizoshirwa ahabona.»

Canke «muri iki gihe.» Raba Insiguro y’amajambo (Igihe).

Raba Inyongera ya A5.

Yitwa kandi Petero.

Canke «abafasha.»

Ijambo ryo mu kigiriki ryakoreshejwe ng’aha, ryerekeza ku musuku ajejwe urugo.

Ijambo ryo mu kigiriki ryakoreshejwe ng’aha, ryerekeza ku musuku ajejwe urugo.

Raba Inyongera ya A5.

Canke «kugenda gusa.»

Mu kigiriki havuga ngo «turinginga.»

Canke «umucafu», «iyarara.»

Mu kigiriki havuga ngo «umwigisha», «uwuyobora umwana.» Yari afise igikorwa co kurera abana canke kubakingira.

Mu kigiriki havuga ngo «inzira zanje.»

Raba Inyongera ya A5.

Mu kigiriki ni porneia. Raba Insiguro y’amajambo.

Mu kigiriki havuga ngo «afise.»

Canke «kavyimbisha.»

Ni umusi mukuru w’imikate itarimwo umwambiro.

Raba Insiguro y’amajambo (Ubusambanyi).

Raba Insiguro y’amajambo (Ubusambanyi).

Raba Insiguro y’amajambo (Ubusambanyi).

Canke «kwibwa», «kugungwa.»

Canke «ntimuhendwe.»

Raba Insiguro y’amajambo (Ubusambanyi).

Mu kigiriki hakoreshwa amajambo abiri atandukanye. Rimwe ryerekeza ku bemera kubikorerwa, irindi rikerekeza ku babikorera abandi.

Mu kigiriki ni porneia. Raba Insiguro y’amajambo.

Mu kigiriki ni porneia. Raba Insiguro y’amajambo.

Ni ukuvuga kudahuza igitsina n’umugore.

Mu kigiriki ni porneia. Raba Insiguro y’amajambo.

Ni ukuvuga mu bijanye n’igitsina.

Canke «ko bavana.»

Raba Inyongera ya A5.

Hari abavyita «gusiramura» canke «gukebwa.» Raba Insiguro y’amajambo (Kugenyera).

Mu kigiriki havuga ngo «amasugi.» Iryo jambo mu kigiriki ryerekeza ku bantu b’igitsina-gabo n’abigitsina-gore batubatse.

Raba akajambo k’epfo ku murongo wa 25.

Mu kigiriki havuga ngo «ndabatege umutego.»

Canke «ibitabereye ku bijanye n’ubusugi bwiwe.»

Canke «ishurika ry’ubuto.» Ni imyaka uwukiri muto aba ashushe cane mu vy’igitsina.

Canke «kugumana ubusugi bwiwe.»

Canke «uwutanze ubusugi bwiwe mu kwubaka.»

Mu kigiriki havuga ngo «mu Mukama gusa.»

Canke «ubusa mw’isi.»

Mu kigiriki havuga ngo «rigahumana.»

Mu kigiriki havuga ngo «ububasha.»

Canke «na mushiki wacu twubakanye.»

Yitwa kandi Petero.

Mu kigiriki havuga ngo «ububasha.»

Canke «ibanga ryo kuyobora (guhagarikira).»

Mu kigiriki havuga ngo «ububasha.»

Canke «abanonotsi bose.»

Canke «ndawuhana», «ndawushira ku murongo.»

Canke «simpave nkurwa mw’ihiganwa.»

Canke «cari.»

Raba Insiguro y’amajambo.

Raba Inyongera ya A5.

Canke «icanzo.»

Mu kigiriki havuga ngo «duhezagira.»

Raba Inyongera ya A5.

Raba Inyongera ya A5.

Raba Inyongera ya A5.

Canke «ishari.»

Raba Inyongera ya A5.

Biboneka ko ari abantu batari Abayuda, bavuga ikigiriki.

Mu kigiriki havuga ngo «umutwe.»

Mu kigiriki havuga ngo «umutwe.»

Mu kigiriki havuga ngo «umutwe.»

Mu kigiriki havuga ngo «umutwe wiwe.»

Mu kigiriki havuga ngo «umutwe wiwe.»

Canke «ahemukirwe.»

Canke «imfungurwa zo ku mugoroba.»

Biboneka ko ari urupfu rwo mu vy’impwemu.

Raba Inyongera ya A5.

Ni ukuvuga abatizera.

Canke «ubusuku.»

Canke «uburyo butandukanye bwo gukora.»

Canke «ubutumwa.»

Biboneka ko ari abantu batari Abayuda, bavuga ikigiriki.

Canke «abahinduzi.»

Canke «mugume muronderana umwete.»

Canke «noba ata co maze.»

Canke «ruriyumanganya.»

Canke «ubuntu.»

Canke «mu buryo butisoneye.»

Canke «amakosa.»

Canke «ntiruhera.»

Ni ukuvuga ibitangaro vyo kuvuga mu zindi ndimi.

Canke «nabinabi.»

Canke «ata gahaze.»

Canke «mugume muronderana umwete.»

Canke «ahinduye.»

Canke «guhindura.»

Canke «burashikako.»

Canke «atahurika.»

Canke «nigishe n’abandi ku munwa.»

Raba Inyongera ya A5.

Canke «n’uwuhindura.»

Canke «ata wuhindura.»

Canke «nibayoboke.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «adashaka kumenya azoguma mu kutamenya.»

Yitwa kandi Petero.

Raba Insiguro y’amajambo.

Canke «aba umushuzo.»

Canke «ni we mushuzo.»

Canke «ukuhaba.» Raba Insiguro y’amajambo (Ukuhaba).

Mu kigiriki havuga ngo «buri saha.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «mfise intumbero nk’iz’abandi bantu.»

Canke «ibintu vyiza twari dusanzwe dukora.»

Mu kigiriki havuga ngo «umubiri.»

Canke «umubiri.»

Canke «hahambwa.»

Canke «ubuninahazwa.»

Canke «amategeko ni yo aha ububasha igicumuro.»

Raba Inyongera ya A5.

Raba Inyongera ya A5.

Canke «mugire umutima rugabo.»

Canke «ari bo mushuzo.»

Yitwa kandi Prisila.

Mu kigiriki havuga ngo «muramukanishe ugusomana kweranda.»

Raba Insiguro y’amajambo.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika