ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • nwt Hagayi 1:1-2:23
  • Hagayi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Hagayi
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Hagayi

HAGAYI

1 Mu mwaka ugira kabiri Dariyo abaye umwami, ku musi wa mbere w’ukwezi kugira gatandatu, Yehova abicishije ku muhanuzi Hagayi*+ yabwiye buramatari w’Ubuyuda, ari we Zerubabeli+ mwene Shalutiyeli n’umuherezi mukuru Yosuwa mwene Yehozadaki ati:

2 «Ibi ni vyo Yehova Nyeningabo avuze: “Aba bantu bavuga ngo: ‘Igihe co gusubira kwubaka inzu* ya Yehova ntikiragera+.’”»

3 Yehova yongera kuvuga biciye ku muhanuzi Hagayi+ ati: 4 «Mbega iki ni igihe c’uko mwibera mu mazu yanyu mezameza* kandi iyi nzu yanje yarabomaguritse+? 5 Ibi rero ni vyo Yehova Nyeningabo avuze: “Zirikana ingene mumerewe*. 6 Mwabivye vyinshi ariko mwimbura bike+. Murarya ariko ntimuhaga. Muranywa ariko ntimuhera inyota. Murambara ariko ntimuhera imbeho. Uwuca amahera ayashira mw’isaho itobaguritse.”»

7 Ibi rero ni vyo Yehova Nyeningabo avuze: “Zirikana ingene mumerewe*.”

8 «“Nimuduge ku musozi muzane ibiti+ maze mwubake inzu yanje+, kugira ngo inezereze kandi itume ninahazwa+”, ni ko Yehova avuze.»

9 «“Mwari mwiteze vyinshi ariko mwimbura bike. Mubizanye muhira na ho, narabihushe birazimangana+. Kubera iki?, ni ko Yehova Nyeningabo avuze. Kubera yuko inzu yanje yabomaguritse, namwe mukaguma mwiruka mwitwararika amazu yanyu+. 10 Ni co gituma ijuru ryanse kubaha urume, isi na yo ikanka kwimbuka. 11 Narateje uruzuba kw’isi no ku misozi, bituma mutaronka intete, umuvinyu, amavuta n’ibiterwa. Mwe n’ibitungwa vyanyu mumerewe nabi kandi ivyo mukora vyose muruhira ubusa.”»

12 Nuko Zerubabeli+ mwene Shalutiyeli+ n’umuherezi mukuru Yosuwa mwene Yehozadaki+ hamwe n’abanyagihugu bose basigaye, bumviriza ivyo Yehova Imana yabo avuze n’ivyo umuhanuzi Hagayi ababwiye, kuko yari yatumwe na Yehova Imana yabo. Abantu baca batangura gutinya Yehova.

13 Maze Hagayi intumwa ya Yehova, yisunze ivyo Yehova yari yamutumye, abwira abantu ati: «“Ndi kumwe namwe+”, ni ko Yehova avuze.»

14 Nuko Yehova ashira umutima wo gukora+ muri buramatari w’Ubuyuda+ ari we Zerubabeli mwene Shalutiyeli, n’umuherezi mukuru Yosuwa+ mwene Yehozadaki no mu banyagihugu bose basigaye. Baca baraza, batangura igikorwa co kwubaka inzu ya Yehova Nyeningabo Imana yabo+. 15 Hari ku musi wa 24 w’ukwezi kugira gatandatu, mu mwaka ugira kabiri Dariyo abaye umwami+.

2 Ku musi wa 21 w’ukwezi kugira indwi, Yehova abicishije ku muhanuzi Hagayi+, yavuze ati: 2 «Ndagusavye ubaze buramatari w’Ubuyuda+ ari we Zerubabeli+ mwene Shalutiyeli, n’umuherezi mukuru Yosuwa+ mwene Yehozadaki+, n’abanyagihugu bose basigaye uti: 3 “Ni bande muri mwebwe babonye ubwiza iyi nzu* yari ifise kera+? Ubu mubona imeze gute? Mubona atari ubusa muyigereranije n’iya kera+?”

4 “Ubu rero nukomere Zerubabeli”, ni ko Yehova avuze, “nukomere na wewe Yosuwa umuherezi mukuru mwene Yehozadaki.”

“Nimukomere namwe banyagihugu mwese+ maze mukore”, ni ko Yehova avuze,

“kuko ndi kumwe namwe+”, ni ko Yehova Nyeningabo avuze. 5 “Nimwibuke ivyo nabasezeraniye igihe mwava mu Misiri+, kandi impwemu yanje iracari kumwe namwe*+. Ntimutinye rero+.”»

6 «Kuko ibi ari vyo Yehova Nyeningabo avuze: “Mu kanya gato, ngira nyiganyize ijuru n’isi n’ikiyaga n’ubutaka rindi rimwe+.”

7 “Nzonyiganyiza amahanga yose, kandi ibintu vy’agaciro* vyo mu mahanga yose bizoza muri iyi nzu+. Nzoyuzuza ubuninahazwa+”, ni ko Yehova Nyeningabo avuze.

8 “Ifeza ni rwanje, n’inzahabu ni rwanje”, ni ko Yehova Nyeningabo avuze.

9 “Ubwiza bw’iyi nzu buzoruta ubwiza bw’iya mbere+”, ni ko Yehova Nyeningabo avuze.

“Kandi aha hantu nzotuma hagira amahoro+”, ni ko Yehova Nyeningabo avuze.»

10 Ku musi wa 24 w’ukwezi kugira icenda, mu mwaka ugira kabiri Dariyo abaye umwami, Yehova abicishije ku muhanuzi Hagayi+ yavuze ati: 11 «Ibi ni vyo Yehova Nyeningabo avuze: “Ndagusavye ubaze abaherezi ico itegeko rivuga kuri iki kintu+: 12 ‘Hamwe umuntu yoba atwaye inyama z’ikimazi ceranda mu mpuzu yiwe maze iyo mpuzu igakora ku mukate, kw’isupu, ku muvinyu, ku mavuta canke ku bindi bifungurwa, mbega ico kintu coca kiba ceranda?’”»

Abaherezi bamwishura bati: «Oya!»

13 Hagayi yongera kubabaza ati: «Hamwe umuntu yahumanijwe n’ikiziga yokora kuri kimwe muri ivyo bintu, mbega coca kiba igihumanye+?»

Abaherezi bamwishura bati: «Coca kiba igihumanye.»

14 Hagayi aca avuga ati: «“Ukwo ni ko aba bantu bameze, ni ko iri hanga rimeze imbere yanje”, ni ko Yehova avuze, “kandi ivyo bakora vyose ni ko bimeze. Ibimazi vyose bashikana birahumanye.”

15 “Ubu rero ndabasavye muzirikane* kuri ibi kuva uyu musi: imbere y’uko urusengero rwa Yehova rusubira kwubakwa+, 16 ibintu vyari bimeze gute? Uwaja ku kirundo c’intete yiteze kuronka ingero 20, yasangayo 10 gusa. Uwaja ku gikono c’umuvinyu gukurayo ingero 50, yasangayo 20 gusa+. 17 Narateje ivyago igikorwa canyu cose: naratumye ibiterwa vyanyu bibabuka, ndabiteza ingese*+ n’urubura, ariko nta n’umwe muri mwebwe yangarutseko”, ni ko Yehova avuze.

18 “Ndabasavye muzirikane* kuri ibi kuva uyu musi, uyu musi wa 24 w’ukwezi kugira icenda, umusi mwatangura kwubaka umushinge w’urusengero rwa Yehova+. Nimuzirikane kuri ibi: 19 mbega hari imbuto zigisigaye mu kigega+? Mbega igiti c’umuzabibu, ic’umusukoni, ic’ikomamanga n’ic’umwelayo*, vyoba birama? Ariko rero kuva uyu musi, ngiye kubahezagira+.”»

20 Ku musi wa 24 w’ukwo kwezi, Yehova abwira Hagayi+ ubugira kabiri ati: 21 «Bwira Zerubabeli buramatari w’Ubuyuda uti: “Ngira nyiganyize ijuru n’isi+. 22 Nzotembagaza intebe z’abami, mpindure ubusa inkomezi z’amahanga+. Nzotembagaza imikogote n’abayigenderako, kandi amafarasi n’abayagendesha bizopfa, umwe wese yicwe n’inkota ya mugenziwe+.”»

23 «“Kuri uwo musi”, ni ko Yehova Nyeningabo avuze, “nzogufata wewe Zerubabeli+ umusavyi wanje mwene Shalutiyeli+”, ni ko Yehova avuze, “ndakugire nk’impeta y’ikidodo, kuko ari wewe natoye”, ni ko Yehova Nyeningabo avuze.»

Iryo zina risobanura ngo «uwavutse ku musi mukuru.»

Canke «urusengero.»

Canke «yometseko imbaho.»

Mu giheburayo havuga ngo «shira umutima ku nzira zanyu.»

Mu giheburayo havuga ngo «shira umutima ku nzira zanyu.»

Canke «uru rusengero.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «kandi ico gihe impwemu yanje yari kumwe namwe.»

Canke «ibintu bihimbaye.»

Mu giheburayo havuga ngo «mushire umutima.»

Raba Insiguro y’amajambo (Ingese y’ibiterwa).

Mu giheburayo havuga ngo «mushire umutima.»

Ico giti cama imyelayo (olive).

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika