NAHUMU
1 Urubanza rwaciriwe Ninewe+. Igitabu c’ivyo Nahumu* w’i Elikoshi yeretswe:
2 Yehova ni Imana isaba gusengwa* yonyene+ kandi yihora.
Yehova arihora kandi agiye kwerekana ishavu ryiwe+.
Yehova arihora abamurwanya,
kandi aguma ashavuriye abansi biwe.
3 Yehova ateba gushavura+ kandi afise ububasha bwinshi+,
mugabo Yehova ntazokwigera areka guhana ababikwiye+.
Aje azananye n’umuyaga utema ugatongora be n’igihuhusi.
Ibirenge vyiwe bitumura ibicu nk’umukungugu+.
I Bashani n’i Karumeli haruma+,
amashurwe y’i Libani na yo agakabirana.
Isi izohinda agashitsi imbere yiwe.
Izohinda agashitsi hamwe n’abayibako bose+.
6 Ni nde ashobora guhagarara imbere y’uburake bwiwe+?
Ni nde ashobora kurinda ishavu ryiwe rirurumba+?
Uburake bwiwe buzosukwa nk’umuriro,
ibitandara bimenagurike kubera we.
7 Yehova ni mwiza+, ni igihome gikomeye kidukingira ku musi w’amagorwa+.
Aritwararika* abamuhungirako+.
8 Azozana umwuzure utikiza, ahonye Ninewe ntihagire igisigara,
kandi umwiza uzokurikirana abansi biwe.
9 Mbega hari umugambi mwopfundika ngo murwanye Yehova?
Arahonya ntihagire igisigara.
Ntazokwirirwa arateza ivyago ubugira kabiri+.
10 Naho bameze nk’amahwa azitanye,
bakaba kandi bameze nk’ababorewe inzoga*,
bazosha baherengetere nk’ivyatsi vyumye.
11 Iwawe hazova uwiyumvira kurwanya Yehova,
abahanure ibitagira akamaro.
12 Ibi ni vyo Yehova avuze:
«Naho boba bakomeye gute kandi bakaba benshi,
bazorandurwa bazimangane*.
Naraguteje* imibabaro, ariko sinzosubira kuyiguteza.
Nzorandura mu nzu* y’imana zawe ibishusho vy’ibibazano
n’ibishusho bikozwe mu cuma*.
Nzokwimbira imva, kuko ugayitse.”
Azoranduranwa n’imizi.»
2 Ewe Ninewe, uwushwiragiza abantu araduze kugutera+.
Rinda ibihome bigukingiye.
Cungera amayira.
Kenyera zigume*, ushire hamwe inguvu zawe zose.
2 Kuko Yehova azosubiza Yakobo iteka ryiwe,
na Isirayeli akamusubiza iteka ryiwe,
kuko umwansi yabatikije+
akongera agahonya amashami yabo.
Ku musi yitegurira urugamba,
ivyuma vyo ku mikogote yiwe bica ibibatsi nk’umuriro,
amacumu* na yo bakazungagiza.
4 Imikogote yiruka mu mabarabara nk’iyasaze.
Iguma icanacanako mu bibanza rusangi.
Yakaka nk’ibimuri, ikanyaruka nk’imiravyo.
5 Azotumako* intwazangabo ziwe.
Zizogenda zitsitagurika.
Zizokwihutira kuja ku ruzitiro rw’igisagara,
zigerageze kuzibira igitero.
6 Amarembo y’inzuzi azokwugururwa,
ikirimba na co gisenyukire hasi.
Iki gisagara kibaye nk’umwamikazi bakuyeko agahuzu, baramutwaye.
Abashumbakazi biwe bacura intimba nk’inuma iguguza, bikubita ku gikiriza*.
Hari abasemerera bati: «Hagarara! Hagarara!»
Ariko nta n’umwe ahindukira ngo arabe inyuma+.
9 Nimusahure ifeza, musahure inzahabu!
Amatungo yaho ntagira uko angana.
Huzuye ibintu vy’agaciro vy’ubwoko bwose.
10 Igisagara kiragaragara, bagitikije baragihonya+.
Abantu barandutse umutima kubera ubwoba. Amavi aradegedwa, amafyinga na yo akajugumira.
Bose mu maso buzuye amaganya.
11 Mbega hamwe intambwe+ zitaha, ubu hari hehe? Hamwe imikangara yazo* irira, haroye he?
Hamwe intambwe isohoka iri kumwe n’icana cayo
ata n’umwe abitera ubwoba, hagiye he?
12 Intambwe yahora itabagurira ivyana vyayo ibikwiye,
ikanigira ingore zayo.
Yaguma yujuje ivyobo vyayo ivyo yacakiye,
aho itaha ikahuzuza ibikoko yatabaguye.
13 «Ehe ngira nkurwanye», ni ko Yehova Nyeningabo avuze+.
«Nzoturira imikogote yawe y’intambara, ishe itokombere+.
Inkota izohonya intambwe zawe z’imikangara*.
3 Kiragowe ca gisagara gisesa amaraso!
Cose cuzuye ububeshi n’ubwambuzi.
Ntigisiba gusahura*.
2 Humvikana ikimoko n’urwamo rw’amapine.
Hari amafarasi yiruka cane n’imikogote isimbagurika.
3 Ehe abarwanira ku mafarasi, inkota zakaka
n’amacumu aca ibibatsi!
Inganda ziratikiye, hari ibirundo vy’ibiziga.
Abapfuye ntibagira uko bangana, baguma babatsitarako.
4 Ivyo vyatewe n’ubusambanyi* bwinshi
bwa wa mumaraya ateye igomwe kandi ahimbaye. Ni karuhariwe mu bupfumu.
Acakira mu mutego amahanga akoresheje ubumaraya bwiwe, agacakira n’imiryango akoresheje ubupfumu bwiwe.
5 «Ehe ngira nkurwanye*», ni ko Yehova Nyeningabo avuze+.
«Nzoduza impuzu yawe ndayikurenze mu maso,
ntume amahanga abona ubwambure bwawe,
n’ubwami bubone ukumaramara kwawe.
Mbega ni nde azohumvira akagongwe?”
Mbega yemwe abo kuguhoza nzobakura hehe?
8 Mbega uruta igisagara ca No-Amoni*+ cari hafi y’imigende ya Nili+?
Cari gikikujwe n’amazi.
Ikiyaga ni co cari ubutunzi bwaco, kikaba n’uruzitiro rwaco.
9 Etiyopiya na Misiri ni vyo vyatuma kigira inguvu zitagira uko zingana.
Puti+ n’Abanyalibiya bahora bagifasha+.
Abana baco babiciye mu masanganzira yose* barabasavya.
Abanyacubahiro baco babagabuye biciye ku bupfindo,
abakomakomeye baco bose bababohesha iminyororo.
Uzorondera aho uhungira umwansi.
12 Ibihome vyawe vyose bigukingiye, bimeze nk’ibiti vy’imisukoni biriko insukoni zeze imbere y’izindi.
Iyo babinyigangije, zica zikorokera mu kanwa k’abazirya.
13 Inteko zawe za gisirikare zimeze nk’abagore.
Abansi bawe bazosanga amarembo y’igihugu cawe arangaye.
Umuriro uzoturira imyugariro y’amarembo yawe uyiherengeteze.
14 Voma amazi uzokoresha umwansi niyakwugariza+.
Komeza ibihome vyawe bigukingiye.
Ja mu rwondo, uponde ubudongo*.
Tora iforoma y’amatafari.
15 Ntikizobuza ko umuriro ugusangayo ukurigite.
Inkota izokurandura+.
Uzohona nk’uwuhonejwe n’ivyana vy’inzige+.
Shaka ugwize abantu bawe nk’ivyana vy’inzige,
emwe ugwire nk’inzige.
16 Wagwije abadandaza bawe kurusha inyenyeri zo kw’ijuru.
Ivyana vy’inzige biriyubura hanyuma bikaguruka.
17 Abarinzi bawe bameze nk’inzige,
intwazangabo zawe na zo nk’ikigwi c’inzige.
Iyo hakanye zihungira mu nzitiro z’amabuye,
ariko izuba rimaze kwaka, zica ziguruka.
Nta wumenya irengero ryazo.
18 Abungere bawe bariko bisinzirirako, ewe mwami wa Ashuri!
Abanyacubahiro bawe bigumira mu mazu yabo.
Abantu bawe bashwiragiye ku misozi,
kandi nta wuriko arabegeranya+.
19 Nta gahengwe uzoronka ivyago nivyagushikira.
Uruguma rwawe ntiruzokwigera rukira.
Iryo zina risobanura ngo «umuhoza.»
Canke «kwiheberwa.»
Mu giheburayo havuga ngo «arazi.»
Canke «inzoga y’ingano.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «bazorandurwa kandi azoca hagati muri bo.»
Ni ukuvuga Ubuyuda.
Canke «ingogo.» Raba Insiguro y’amajambo (Ingogo).
Ni ukuvuga Ashuri.
Canke «mu rusengero.»
Canke «mu cuma bashongesheje.»
Mu giheburayo havuga ngo «ata muntu w’imburakimazi.»
Mu giheburayo havuga ngo «komeza amafyinga.»
Canke «z’agahama.»
Mu giheburayo havuga ngo «amacumu akwikiye mu giti c’umuberoshi.»
Uwuvugwa ng’aha ashobora kuba ari umwami wa Ashuri.
Canke «ryashinzwe.»
Mu giheburayo havuga ngo «ku mutima.»
Canke «intambwe z’imikangara zifise ivyoya kw’izosi.»
Canke «z’imikangara zifise ivyoya kw’izosi.»
Mu giheburayo havuga ngo «nzokura kw’isi ivyo ucakira.»
Mu giheburayo havuga ngo «nticigera kibura ibikoko gicakira.»
Canke «ubumaraya.»
Uwurwanywa ni Ninewe.
Canke «akabarore.»
Ni igisagara citwa Tebe (Thèbes).
Mu giheburayo havuga ngo «ku mutwe w’amabarabara yose.»
Mu giheburayo havuga ngo «uhonyange ibumba.»