ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • nwt Hoseya 1:1-14:9
  • Hoseya

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Hoseya
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Hoseya

HOSEYA

1 Ubutumwa Yehova yahaye Hoseya* mwene Beyeri ku ngoma ya Uziya+, iya Yotamu+, iya Ahazi+ n’iya Hezekiya+, abami b’Ubuyuda+, no ku ngoma ya Yerobowamu+ mwene Yowasi+, umwami wa Isirayeli. 2 Igihe Yehova yatangura guha ubwo butumwa Hoseya, Yehova yamubwiye ati: «Genda urongore umugore. Umugore wawe azoba imaraya*, kandi uzoronka abana bavutse muri ubwo bumaraya*, kuko ubumaraya ari bwo bwatumye igihugu giheba burundu gukurikira Yehova+.»

3 Aca arongora Gomeri umukobwa wa Dibulayimu, hanyuma aribungenga maze amuvyarira umuhungu.

4 Yehova aca amubwira ati: «Mwite Yezireli*, kuko mu gihe gito nzogira ico mbaza umuryango* wa Yehu+ kubera ubwicanyi bwabereye i Yezireli, kandi nzokuraho ingoma y’inzu ya Isirayeli+. 5 Kuri uwo musi, nzovunira umuheto wa Isirayeli mu kiyaya* ca Yezireli.»

6 Yongera kwibungenga maze avyara umukobwa. Imana ica imubwira iti: «Mwite Lo-Ruhama*, kuko ntazosubira kugirira imbabazi+ inzu ya Isirayeli. Emwe, nzobirukana+. 7 Ariko nzogirira imbabazi inzu ya Yuda+, kandi jewe Yehova Imana yabo nzobarokora+. Nzobarokora ntakoresheje umuheto, inkota, intambara, amafarasi canke abagendera ku mafarasi+.»

8 Amaze gucutsa Lo-Ruhama, yongera kwibungenga maze avyara umuhungu. 9 Imana ica imubwira iti: «Mwite Lo-Ami*, kuko mutari abantu banje kandi nanje sinzoba Imana yanyu.

10 Mugabo igitigiri c’Abisirayeli kizoba nk’udutete tw’umusenyi wo ku kiyaga udashobora gupimwa canke guharurwa+. Aho nahora ndababwirira ngo: “Ntimuri abantu banje+”, ni ho nzobabwirira ngo: “Muri abana b’Imana nzima+.” 11 Abantu bo mu Buyuda n’abo muri Isirayeli bazoja hamwe bunge ubumwe+, bihitiremwo indongozi imwe maze baduge bave mu gihugu, kuko umusi wa Yezireli+ uzoba ukomeye.

2 Nimubwire benewanyu muti: “Muri abantu banje*+!”,

na bashiki banyu muti: “Ewe mugore wagiriwe imbabazi*+”

 2 Nimwagirize nyoko wanyu, nimumwagirize,

kuko atari umugore wanje+, nanje nkaba ntari umugabo wiwe.

Nahebe ubumaraya* bwiwe,

akure n’ukurenga ibigo hagati y’amabere yiwe,

 3 ahandiho nzomwambura impuzu zose asigare ari gusa.

Nzomuhindura nk’ubugaragwa,

ndamugire nk’igihugu kitagira amazi

nongere ntume yicwa n’inyota.

 4 Sinzogirira imbabazi abana biwe,

kuko ari abana bavutse mu bumaraya*.

 5 Nkako, nyina wabo yabaye imaraya+.

Uwabibungenze yakoze ibiteye isoni+, kuko yavuze ati:

“Nzokurikira abahabara banje+,

barya banyihera umukate n’amazi,

impuzu z’ubwoya n’iz’ilino*, amavuta n’ibinyobwa.”

 6 Ku bw’ivyo, inzira yiwe nzoyizibira n’uruzitiro rw’amahwa.

Emwe nzokwubaka uruhome rw’amabuye rumutangira

kugira ntasubire kubona inzira yiwe.

 7 Azokwiruka inyuma y’abahabara biwe, ariko ntazobahamvya+.

Azobarondera, ariko ntazobatora.

Azoheza avuge ati: “Reka nsubire ku mugabo wanje wa mbere+,

kuko igihe nari kumwe na we ari ho nari merewe neza kuruta ubu+.”

 8 Ntiyamenye ko ari je namuha intete+, umuvinyu mushasha n’amavuta,

ko ari jewe namuha ifeza ku bwinshi

hamwe n’inzahabu, ivyo yakoresha mu gusenga Bayali+.

 9 “Ku bw’ivyo, nzogaruka nkureho intete zanje mu gihe c’iyimbura,

nkureho n’umuvinyu wanje mushasha mu kiringo cawo+.

Nzomushikura impuzu zanje z’ubwoya n’iz’ilino yari kwambara.

10 Ubu rero ngira ndamwambure zose imbere y’abahabara biwe,

kandi nta n’umwe azomurokora mu maboko yanje+.

11 Nzokuraho umunezero wiwe wose,

imisi mikuru yiwe+, imisi mikuru y’imboneko z’ukwezi, amasabato n’ibiringo vyiwe vyose vy’umunezero.

12 Nzohonya imizabibu yiwe n’imisukoni yiwe, ivyo yahora yiratira ngo:

‘Iyi ni impembo abahabara banje bampaye.’

Nzobihindura ishamba,

kandi ibikoko vyo mw’ishamba bizobirotsa.

13 Nzogira ico ndamubaza ku misi yamaze ashikanira ibimazi ibishusho vya Bayali+,

igihe yahora yambara impeta n’ibisharizo akiruka inyuma y’abahabara biwe,

nanje akanyibagira+”, ni ko Yehova avuze.

14 “Nzomuryosharyosha* rero,

ndamujane mu bugaragwa,

kandi nzomuyagisha ndamukore ku mutima.

15 Kuva ico gihe nzomusubiza imizabibu yiwe+,

kandi ikiyaya* ca Akori+ kizomubera irembo rimushikana ku cizigiro.

Ari ng’aho, azonyishura nk’igihe yari akiri muto,

nk’igihe yava mu gihugu ca Misiri+.

16 Kuri uwo musi”, ni ko Yehova avuze,

“uzonyita ngo ‘umugabo wanje’, ntuzosubira kunyita ngo ‘databuja*.’”

17 “Nzokura mu kanwa kiwe amazina y’ibishusho vya Bayali+,

kandi nta wuzosubira kwibuka amazina yavyo+.

18 Kuri uwo musi, nzogiranira isezerano n’ibikoko vyo mw’ishamba ku neza y’abantu banje+,

nongere ndarigiranire n’inyoni zo mu kirere n’ibikoko bikwega inda hasi+.

Nzokuraho umuheto, inkota n’intambara mu gihugu+,

kandi nzotuma biryamira* mu mutekano+.

19 Nzokuresha ube uwanje ibihe vyose.

Nzokuresha mu bugororotsi no mu butungane,

mu rukundo* no mu mbabazi+.

20 Nzokuresha mu bwizigirwa,

kandi uzomenya koko Yehova+.”

21 “Kuri uwo musi, nzokwishura ico nsabwe”, ni ko Yehova avuze,

“nzokwishura ijuru ico rinsavye,

ijuru na ryo ryishure ico isi irisavye+.

22 Isi izotanga intete, umuvinyu mushasha n’amavuta,

ivyo na vyo biheze vyitabe Yezireli*+.

23 Jewe ubwanje nzomwibibira nk’imbuto kw’isi+,

kandi nzogirira imbabazi uwutagiriwe imbabazi*.

Nzobwira abatari abantu banje* nti: ‘Muri abantu banje+’,

na bo bambwire bati: ‘Uri Imana yacu+.’”»

3 Yehova yongera kumbwira ati: «Subira ukunde umugore akundwa n’uwundi mugabo kandi arenga ibigo+, nk’uko nyene Yehova akunda Abisirayeli+ naho bakurikira izindi mana+ kandi bagakunda udukate tw’inzabibu zumye*.»

2 Ndaheza ndamugura ifeza 15 na homeri* imwe n’igice ya sayiri*. 3 Maze ndamubwira nti: «Uzomara imisi myinshi uri uwanje. Ntuze ukore ubumaraya*, kandi ntuze uryamane n’uwundi mugabo, na jewe sinzoryamana na wewe.»

4 Kuko ihanga rya Isirayeli rizomara igihe kirekire* ritagira umwami+ canke umuganwa, ikimazi canke inkingi nyeranda, efodi+ canke ibigirwamana*+. 5 Mu nyuma Abisirayeli bazogaruka barondere Yehova Imana yabo+ na Dawidi umwami wabo+, kandi mu misi y’iherezo bazoza kuri Yehova bajugumira kugira abahe umuhezagiro wiwe+.

4 Nimwumve ivyo Yehova avuze, yemwe Bisirayeli,

kuko Yehova afitaniye imburano n’ababa mu gihugu+.

Nkako, nta kuri canke urukundo* canke ukumenya Imana biri mu gihugu+.

 2 Ukurahira ibinyoma, ukubesha+, ubwicanyi+,

ubusuma n’ukurenga ibigo+ ni vyo vyiraye,

kandi abantu ntibahengeshanya gusesa amaraso+.

 3 Ni co gituma igihugu kizogandara+,

kandi ababa muri co bose bazoyama.

Ibikoko vyo mw’ishamba n’inyoni zo mu kirere,

mbere n’amafi yo mu kiyaga, vyose bizopfa.

 4 «Ariko ntihagire uwubarwanya canke ngo abakosore+,

kuko mumeze nk’abarwanya umuherezi+.

 5 Ni co gituma muzotsitara ku murango,

kandi n’umuhanuzi azotsitarana namwe nk’aho hoba ari mw’ijoro.

Nzonumya* nyoko wanyu.

 6 Abantu banje bazobwirizwa kunuma, kuko batagira ubumenyi.

Ko mwiyamirije ubumenyi+,

nanje nzobiyamiriza ntimusubire kumbera abaherezi.

Ko mwibagiye itegeko* ry’Imana yanyu+,

nanje nzokwibagira abahungu banyu.

 7 Uko bagiye baragwira, ni ko barushirije kuncumurako+.

Ubuninahazwa bwabo nzobuhindura ibimaramare*.

 8 Bavyibuhijwe n’ibicumuro vy’abantu banje*,

bipfuza ko abantu banje baguma bacumura.

 9 Uko bizogendera abantu ni ko bizogendera n’umuherezi.

Nzobabaza ivyo bakoze

kandi nzotuma bashikirwa n’ingaruka z’ivyo bakoze+.

10 Bazorya, ariko ntibazohaga+.

Bazokora ubusambanyi*, ariko ntibazogwira+,

kuko batubaha Yehova na gato.

11 Ubumaraya*, umuvinyu be n’umuvinyu mushasha

ni vyo bikuraho agatima ko gukora ibigororotse*+.

12 Abantu banje bagisha inama ibigirwamana vy’ibiti,

bagakora ivyo agakoni kabo ko kuragura kababwiye.

Kuko agatima* k’ubumaraya gatuma bata umurongo,

kandi ubumaraya bwabo butuma banka kugamburukira Imana yabo.

13 Batangira ibimazi hejuru ku misozi+,

bagafumbishiriza umwotsi w’ibimazi ku mitumba,

munsi y’ibiti vy’imyeloni, ivy’imiribeni n’ibiti vyose bininibinini+,

kuko igitutu cavyo ari ciza.

Ni co gituma abakobwa banyu bakora ubumaraya,

abakazana banyu na bo bakarenga ibigo.

14 Sinzohana abakobwa banyu ngo ni uko bakora ubumaraya,

canke abakazana banyu ngo ni uko barenga ibigo.

Kuko abagabo bihereranya abamaraya,

bagatanga ibimazi bari kumwe n’abamaraya bo mu bibanza basengeramwo*.

Abantu nk’abo batagira ubwenge+ bazohona.

15 Ewe Isirayeli, naho uriko urakora ubumaraya+,

ntutume Ubuyuda bwagirwa n’icaha+.

Ntimuje i Gilugali+ canke i Beti-Aveni+,

kandi ntimurahire Yehova Imana nzima+.

16 Kuko Abisirayeli babaye intagondwa nk’inka y’intagondwa+.

Mbega ubu Yehova azobaragira nk’impfizi y’intama mu buragiro bwagutse*?

17 Efurayimu yaranse kuvirira ibigirwamana+.

Nimumwihoze!

18 Inzoga* zabo ziheze,

baca baja mu busambanyi*.

Abatware* babo bakunda ingeso ziteye isoni+.

19 Umuyaga uzobazingira* mu mababa yawo,

kandi bazomaramazwa n’ibimazi vyabo.»

5 «Nimwumve ibi, yemwe baherezi+!

Nimutege ugutwi, yemwe Bisirayeli!

Nimwumvirize, yemwe abo ku kirimba* c’umwami,

kuko urubanza ari mwebwe rwerekeye.

Nkako, mwabereye umutego Mizipa,

muba n’urusenga ruteze hejuru ya Tabora+.

 2 Abagarariji* barisutse cane mu bwicanyi,

kandi bose ndabagabishije*.

 3 Efurayimu ndamuzi,

kandi na Isirayeli ntiyonyinyegeza.

Ewe Efurayimu, erega warisutse mu busambanyi*,

Isirayeli na we yarihumanije+.

 4 Ibikorwa vyabo ntibibakundira kugaruka ku Mana yabo,

kuko bafise agatima* k’ubumaraya*+,

kandi ntibubaha Yehova.

 5 Ubwishime bwa Isirayeli buramwagiriza+.

Isirayeli na Efurayimu baratsitaye kubera ikosa ryabo,

kandi na Yuda yatsitaranye na bo+.

 6 Bagiye kurondera Yehova batwaye amasho y’intama n’inka,

ariko baramubuze.

Yari yabahevye arigira+.

 7 Barahemukiye Yehova+,

kuko bavyaye abana b’abanyamahanga.

Ubu rero bo hamwe n’amatongo* yabo bizoyogera mu kwezi kumwe.

 8 Nimuvugirize inzamba+ i Gibeya, muvugirize urumbete i Rama+!

Nimuvugirize akaruru k’intambara i Beti-Aveni+ muti: “Turi inyuma yawe Benyamini!”

 9 Ewe Efurayimu, umusi uzohanwa, abantu bazokwumirwa nibakubona+.

Naramenyesheje imiryango ya Isirayeli ibibwirizwa gushika.

10 Abaganwa b’Ubuyuda bameze nk’abantu bimura urubibe+.

Nzobasukako ishavu ryanje nka kurya kw’amazi.

11 Efurayimu arahahazwa, kandi birabereye ko ajanjagurwa,

kuko yiyemeje kwifatanya n’umwansi+.

12 Efurayimu namubereye nk’agakoko karya impuzu,

abantu bo mu Buyuda na bo ndababera nk’ukubora.

13 Igihe Efurayimu yabona indwara yiwe, Yuda na we akabona igisebe ciwe,

Efurayimu yaciye aja i Ashuri+, arungika intumwa ku mwami ahambaye.

Ariko uwo mwami ntiyashoboye kubavura,

canke ngo abakize igisebe canyu.

14 Nzoba nk’intambwe y’umukangara kuri Efurayimu,

mbe nk’intambwe ikomeye* ku bantu bo mu Buyuda.

Jewe ubwanje nzobatabagura maze nigire+.

Nzobatwara kandi nta n’umwe azobarokora+.

15 Nzokwigira nisubirire iwanje, gushika babonye ingaruka z’igicumuro cabo.

Na bo bazoheza barondere ko ndabagirira ubuntu+.

Nibabona bageze habi bazondondera+.»

6 «Nimuze tugaruke kuri Yehova,

kuko yadutabaguye+, ariko azodukiza.

Yaradukubise, ariko azotubika ibikomere vyacu.

 2 Haciye imisi ibiri, azotugarurira utuguvu.

Ku musi ugira gatatu azoduhagurutsa,

dusubire tubeho imbere yiwe.

 3 Tuzomenya Yehova, tuzokwihatira kumumenya vy’ukuri.

Azoza ata gisivya nka kurya nyene umutwenzi utareka kuza.

Azotuzako nka kurya kw’akavura kanyanyaga,

nka kurya kw’imvura y’impeshi inywesha isi.»

 4 «Ewe Efurayimu, mbega ndakugire gute?

Ndakugire gute ga Yuda?

Kuko urukundo* rwanyu rumeze nk’ibicu vyo mu gitondo,

nk’urume rukamangana mu kanya isase.

 5 Ni co gituma nzobatemagura nkoresheje abahanuzi+.

Nzobicisha amajambo yo mu kanwa kanje+,

kandi imanza nabaciriye zizokayangana nk’umuco+.

 6 Kuko urukundo* ari rwo rumpimbara, si ibimazi,

kandi ukumenya Imana ni kwo kumpimbara, si amashikanwa aturirwa uko yakabaye+.

 7 Ariko bo barahonyanze isezerano ryanje+ nk’umuntu buntu.

Aho nyene ni ho bampemukiriye.

 8 Gileyadi ni igisagara c’inkozi z’ikibi+,

kandi cuzuyemwo ugusesa amaraso+.

 9 Abaherezi bameze nk’akagwi k’abambuzi kabundiye umuntu.

Bicira abantu kw’ibarabara hafi y’i Shekemu+,

kuko inyifato yabo iteye isoni.

10 Narabonye ikintu c’agahomerabunwa mw’ihanga rya Isirayeli.

Ni ho Efurayimu akorera ubumaraya+,

kandi Isirayeli yarihumanije+.

11 Ariko wewe ga Yuda, warashingiwe igihe co kwimburwa,

ninagarukana abantu banje bagizwe imbohe+.»

7 «Igihe cose ngira nkize Isirayeli,

ikosa rya Efurayimu rica rija ahabona+

hamwe n’ububisha bwa Samariya+.

Kuko ari ababeshi gusa+.

Abasuma baramena inzu, utugwi tw’abambuzi tukabundira abantu hanze+.

 2 Ariko ntibiyumvira ko nzokwibuka ibibi vyose bakora+.

Ubu rero ibibi bakora vyabatangatanze irya n’ino.

Emwe, biri ng’aha imbere y’amaso yanje.

 3 Banezereza umwami biciye ku bubisha bwabo,

bakanezereza abaganwa biciye ku bubeshi bwabo.

 4 Bose bararenga ibigo.

Bararurumba nk’ifuru yakijwe n’uwotsa imikate,

agaca areka kwegenyeza kuva agicumba igikandu gushika kivyimvye.

 5 Ku musi mukuru w’umwami wacu, abaganwa bararwaye:

Barashangashiwe kubera umuvinyu+.

Umwami yarifatanije n’abacokoranyi.

 6 Bamwegera bafise umutima ururumba nk’ifuru*.

Uwotsa imikate amara ijoro ryose yiryamiye,

mu gitondo ifuru ikarurumba nk’umuriro.

 7 Bose barashushe nk’ifuru,

kandi bararotsa abatware* babo.

Abami babo bose baratemvye+,

ariko nta n’umwe yigera antabaza+.

 8 Efurayimu yivanga n’amahanga+.

Efurayimu ameze nk’agakate kiburungushuye kokeje uruhande rumwe.

 9 Abanyamahanga baramumariyeko utwiwe+, ariko nta vyo amenya.

Imishatsi yiwe yarahindutse imvi, ariko nta vyo abona.

10 Ubwishime bw’Abisirayeli bwarabagirije+,

ariko ntibigeze bagaruka kuri Yehova Imana yabo+,

kandi naho ivyo vyose vyabashikiye ntibigeze bamurondera.

11 Efurayimu ameze nk’inuma y’igihwiji, itagira ubwenge*+.

Batabaje Misiri+ bongera basaba Ashuri ngo ibafashe+.

12 Aho bazoja hose, nzosanza urusenga rwanje hejuru yabo.

Nzobakororera hasi nk’inyoni zo mu kirere.

Nzobahana nk’uko nyene nabibabwiye*+.

13 Baragowe, kuko bampunze!

Bazotikira, kuko bancumuyeko!

Nari niteguriye kubarokora, ariko bamvuzeko ibinyoma+.

14 Bagumye baborogera ku bitanda vyabo,

ariko ntibantabaje n’umutima wabo wose+.

Bagumye bikebagura kugira bimbure intete nyinshi n’umuvinyu mwinshi,

ariko jewe barangarariza.

15 Narabigishije nongera ndakomeza amaboko yabo,

ariko bo bagumye bangarariza, biyumvira gukora ibibi.

16 Barahinduye inzira, ariko ntibafashe inzira nziza kuruta*.

Ntibabaye abo kwizigirwa, babaye nk’umuheto wabohotse+.

Abaganwa babo bazokwicwa n’inkota kubera amajambo yabo y’akagaye.

Ni co gituma bazobatwengera mw’ijigo mu gihugu ca Misiri+.»

8 «Vuza inzamba+!

Hari uwumanutse nk’inkona aje gutera inzu ya Yehova+,

kuko bahonyanze isezerano ryanje+, bakarenga kw’itegeko ryanje+.

 2 Baguma bantakambira ngo: “Mana yacu, twebwe Abisirayeli turakuzi+.”

 3 Abisirayeli bariyamirije iciza+.

Umwansi nabome inyuma!

 4 Biyimikiye abami bitanciyeko,

bishiriraho abaganwa ntemera.

Bihinguriye ibigirwamana mw’ifeza n’inzahabu+,

baba bikwegeye gutikizwa+.

 5 Ewe Samariya, inyana yawe irashibuwe+!

Narunguye n’ishavu kubera bo+.

Mbega bazonanirwa kuba intungane* gushika ryari?

 6 Kuko iyo nyana yavuye muri Isirayeli.

Yakozwe n’umuhinguzi w’utugenegene kandi si Imana.

Inyana ya Samariya izocika ubunywenywe.

 7 Ko bariko babiba umuyaga,

bazokwimbura igihuhusi+.

Nta giterwa na kimwe cama intete+.

Ikigize ngo kirama nta fu kivamwo,

kandi n’iyoboneka yoca iribwa n’abanyamahanga+.

 8 Abisirayeli bazomirwa n’abansi+.

Ubu rero mu mahanga barimwo+

bazomera nk’igikoresho ata n’umwe yerekwa.

 9 Kuko baduze i Ashuri+ nk’indogobwa yo mw’ishamba y’inyakamwe.

Efurayimu yarirondereye abantu ahemba ngo bamubere abahabara+.

10 Naho babakura mu yandi mahanga,

ngira ndabakoranirize hamwe.

Bazogira ingorane+ kubera umuzigo umwami n’abaganwa babaremeka.

11 Kuko Efurayimu yagwije ibicaniro, bigatuma acumura+.

Ibicaniro vyiwe ni vyo vyamukwegeye gucumura+.

12 Naramwandikiye amategeko* yanje menshi,

ariko yabifashe nk’ikintu kitamuraba+.

13 Baranshikanira ibimazi, bakarya n’inyama zavyo,

ariko jewe Yehova sindavyemera+.

Ubu rero nzokwibuka ikosa ryabo, ndabahanire ibicumuro vyabo+.

Barongeye kwitura Misiri*+.

14 Abisirayeli baribagiye Umuremyi wabo+ maze biyubakira insengero+.

Yuda yaragwije ibisagara bikingijwe ibihome+.

Ariko nzorungika umuriro mu bisagara vyiwe,

kandi uzorigata iminara yose yo muri vyo+.»

9 «Ewe Isirayeli, ntunezerwe+!

Ntuhimbarwe nk’ayandi mahanga.

Kuko ubumaraya* ari bwo bwatumye uheba Imana yawe+.

Ukunda amahera ukura mu bumaraya ukorera ku mbuga zose bakubitirako intete+.

 2 Ariko izo mbuga n’inganiro z’umuvinyu ntibizokugaburira,

kandi n’umuvinyu mushasha uzowubura+.

 3 Abisirayeli ntibazobandanya kuba mu gihugu ca Yehova+.

Ahubwo Efurayimu azosubira mu Misiri,

kandi azorira i Ashuri ibintu bihumanye+.

 4 Ntibazokwongera gusukira Yehova amashikanwa y’umuvinyu+,

kandi ibimazi vyabo ntibizomuhimbara+.

Bimeze nk’umukate w’abagandaye,

kandi ababirya bose bazoba bihumanije.

Kuko umukate wabo ari rwabo gusa,

ntuzogenda winjiye mu nzu ya Yehova.

 5 Muzokora iki igihe co gukoranira hamwe* nicagera,

igihe co guhimbaza umusi mukuru wa Yehova?

 6 Umve, bazohunga kubera agatikizo+.

Misiri izobegeranya+, Memfisi na yo ibahambe+.

Ibintu vyabo vy’agaciro vy’ifeza bizomeramwo ivyatsi vy’ibisuru,

amahema yabo na yo ameremwo ibisaka vy’amahwa.

 7 Imisi yo kwishura ivyo bakoze irashitse+,

imisi yo guhabwa igihano bakwiriye irashitse,

kandi Isirayeli azobimenya.

Abahanuzi babo bazosara, abitwa ngo baravugishwa na bo bate ubwenge.

Urwanko bagufitiye ni rwinshi, kuko amakosa yawe ari menshi.»

 8 Inderetsi+ ya Efurayimu yari kumwe n’Imana yanje+.

Ariko ubu inzira zose z’abahanuzi biwe+ zimeze nk’imitego y’umuhigi w’inyoni.

Mu nzu y’Imana yiwe huzuye urwanko.

 9 Barononekaye birenze, nka ca gihe c’i Gibeya+.

Imana izokwibuka amakosa yabo, ibahanire ibicumuro vyabo+.

10 «Nubutse kuri Isirayeli nk’uwubutse ku nzabibu mu gahinga+.

Igihe nabona ba sokuruza banyu, wamengo mbonye insukoni zeze kare ku musukoni.

Ariko bobo bakurikiye Bayali y’i Peyori+,

bihebera ico kintu giteye isoni*+,

baca bacika abasesemye nk’ico kintu bakunda.

11 Ubuninahazwa bwa Efurayimu buraguruka nk’inyoni bukigira.

Ntibavyara, ntibibungenga canke ngo basame inda+.

12 Kandi naho borera abana,

nzobahekura ku buryo ata n’umwe asigara+.

Emwe, bazoba bigorewe ninabaheba+!

13 Igihe nabona Efurayimu mu buragiro butotahaye, yari imeze nka Tiro+.

Ariko ubu itegerezwa kuzana abana bayo ngo bicwe.»

14 Ewe Yehova, nubazaneko ivyo bakwiriye:

Utume inda zabo zikoroka, n’amabere yabo anyunyuka*.

15 «Ububisha bwabo bwose bwahereye i Gilugali+, kandi aho ni ho nabankiye.

Nzobirukana mu nzu yanje kubera ibikorwa vyabo bibi+.

Sinzosubira kubakunda+.

Abaganwa babo bose ni intagondwa.

16 Efurayimu izokwicirwa nk’igiti+.

Imizi yabo izokwuma kandi ntibazokwama ivyamwa.

Naho bovyara, nzokwica abana babo bikundira.»

17 Imana yanje izobata,

kuko batayumviye+,

kandi bazoguma bayerera mu mahanga+.

10 «Isirayeli ni umuzabibu wononekaye* ariko wama+.

Uko ivyamwa vyiwe vyongerekana, ni ko yongereza ibicaniro+.

Uko igihugu ciwe cimbuka cane, ni ko arushiriza gushariza inkingi ziwe nyeranda+.

 2 Umutima wabo wuzuyemwo uburyarya*.

Ubu rero bazokwagirwa n’icaha.

Hariho uwuzosambura ibicaniro vyabo, amenagure inkingi zabo.

 3 Bazoheza bavuge bati: “Nta mwami dufise+, kuko tutatinye Yehova.

Ubundiho umwami yotumarira iki?”

 4 Bavuga amajambo ata co amaze, bakarahira ibinyoma+ kandi bakagira amasezerano.

Ni co gituma urubanza rwabo rwanaze nk’ivyatsi vy’ubumara mu maburi yo mu murima+.

 5 Ababa i Samariya bazotinya kubera ikigirwamana c’inyana c’i Beti-Aveni+.

Abantu baho bazokigandarira,

cokimwe n’abaherezi b’imana z’inyamahanga bahora baciratira bakiratira n’ubwiza bwaco,

kuko kizojanwa mu bunyagano kure yabo.

 6 Bazokijana i Ashuri kugira bakigabire umwami ahambaye+.

Efurayimu izomaramara,

Isirayeli na yo irye ivyatsi kubera impanuro yakurikije+.

 7 Samariya n’umwami waho bizozimangana+,

nk’agati bahanyuye bakagaterera mu mazi.

 8 Ibibanza basengeramwo* vy’i Beti-Aveni+, ari na vyo vyacumuje Abisirayeli+, bizokurwaho+.

Ibicaniro vyabo bizomerako amahwa n’ibitovu+.

Abantu bazobwira imisozi bati: “Nimudupfuke!”,

babwire n’imitumba bati: “Nimutugweko+!”

 9 Ewe Isirayeli, wacumuye kuva ca gihe c’i Gibeya+.

Aho ni ho mwakomantarije imitima.

Intambara ntiyaherengeteje* abantu batagororotse b’i Gibeya.

10 Nzobahana ninabishaka.

Ibicumuro vyabo bibiri nivyaboherwa kuri bo*,

amahanga azokoranira hamwe kugira abarwanye.

11 Efurayimu ni ishashi y’inka yamenyerejwe gukubita ibinyantete.

Ni co gituma izosi ryiwe ryiza naririnze ibikorwa.

Ubu rero ngira ndeke Efurayimu bamurimishe*+.

Yuda azorima, Yakobo na we akangaze.

12 Nimubibe imbuto mu bugororotsi maze mwimbure urukundo*.

Nimwirimire isi ndimwa+

hakiriho umwanya wo kurondera Yehova+,

gushika aje akabigisha ubugororotsi+.

13 Ariko mwarimye ububisha,

mwimbura ukutagororoka+,

maze murya ivyamwa vy’ububeshi.

Kuko mwizigiye inzira zanyu

be n’ingabo zanyu nyinshi.

14 Hazokwumvikana induru y’abaje gutera abantu banyu,

kandi ibisagara vyanyu bikingijwe ibihome vyose bizosamburwa+

nk’uko Shalumani yasambuye Beti-Arubeli

ku musi w’intambara, igihe abavyeyi bicwa rubi* bari kumwe n’abana babo.

15 Ewe Beteli, ivyo ni vyo bizogushikira+ kubera ukora ikibi kibishe.

Emwe mu mutwenzi, umwami wa Isirayeli ntazoba akiriho+.»

11 «Nakunze Isirayeli kuva akiri agahungu gatoyi+,

kandi nahamagaye umwana wanje ngo ave mu Misiri+.

 2 Uko barushiriza* guhamagara Abisirayeli,

ni ko Abisirayeli barushiriza kubahunga+.

Bagumye bashikanira ibimazi ibishusho vya Bayali+,

bagashikanira ibimazi ibishusho bibajwe+.

 3 Ariko ni jewe nigishije Abefurayimu gutambuka+, ndabaterura mu maboko yanje+,

mugabo ntibamenye ko ari jewe nabakijije.

 4 Nagumye ndabakwegesha imigozi y’abantu*, imigozi y’urukundo+.

Nababereye nk’uwubakura ingogo* kw’izosi*,

ndaheza ndabazanira imfungurwa ndabigiranye impuhwe*.

 5 Ntibazosubira mu Misiri, ahubwo Ashuri ni yo izobabera umwami+,

kuko banse kungarukako+.

 6 Inkota izozunguruka mu bisagara vyabo+,

itemagure ivyugazo vyabo yongere ibatikize kubera imigambi yabo mibi+.

 7 Abantu banje biyemeje kumpemukira+.

Naho babahamagara ngo bagaruke kuri Musumbavyose*, nta n’umwe ahaguruka.

 8 Noguheba gute ga Efurayimu+?

Ewe Isirayeli, nogutanga gute ku bansi bawe?

Noshobora gute kugufata nka Adima?

Noshobora gute kukugira nka Zeboyimu+?

Narahinduye ivyiyumviro,

ubwo nyene impuhwe zanje zica ziravyuka*+.

 9 Sinzogira nk’uko ishavu ryanje rigize.

Sinzosubira guhonya Efurayimu+,

kuko ndi Imana, ntari umuntu.

Ndi wa Mweranda hagati yanyu,

kandi sinzobahana nashavuye.

10 Bazogendera inyuma ya Yehova, kandi azoroha nk’intambwe+.

Niyaroha, abana biwe bazoza barajugumira bavuye mu burengero+.

11 Nibava mu Misiri, bazoza barajugumira nk’inyoni.

Bazojugumira nk’inuma nibava mu gihugu ca Ashuri+,

kandi nzotuma bibera mu mazu yabo», ni ko Yehova avuze+.

12 «Efurayimu yankikuje ibinyoma,

Abisirayeli na bo bankikuza ububeshi+.

Ariko Yuda aracagendana n’Imana,

kandi ni umwizigirwa kuri wa Mweranda cane+.»

12 «Efurayimu arya umuyaga.

Yirirwa ariruka inyuma y’umuyaga wo mu buseruko.

Yuzuye ibinyoma n’ubukozi bw’ikibi.

Bagirana isezerano na Ashuri+, bakajana amavuta mu Misiri+.

 2 Yehova afitaniye imburano na Yuda+.

Azocira urubanza Yakobo yisunze inzira ziwe,

kandi azomwishura yisunze ivyo yakoze+.

 3 Yafashe mwenewabo igitsintsiri bari mu nda+,

kandi yaranyinyanye n’Imana n’inguvu ziwe zose+.

 4 Yagumye anyinyana n’umumarayika kandi aramutsinda.

Yararize yongera aramutakambira ngo amugirire ubuntu+.»

Imana yamusanze i Beteli, kandi aho ni ho yavuganiye natwe+,

 5 emwe Yehova Imana Nyeningabo+.

Yehova ni ryo zina yibukirwako+.

 6 «Nugaruke rero ku Mana yawe+,

ugendere urukundo* n’ubutungane+,

kandi wame wizigira Imana yawe.

 7 Ariko mu minwe y’abadandaza hari iminzane yiba,

kandi bakunda guca abantu amaboko+.

 8 Efurayimu aguma avuga ati: “Emwe, narabaye umutunzi+.

Nararonse itunga ryinshi+,

kandi nta kibi canke igicumuro wosanga mu vyo nkora vyose.”

 9 Ariko jewe ndi Yehova Imana yanyu kuva mukiri mu Misiri+.

Nzotuma musubira kuba mu mahema,

nko mu gihe c’imisi mikuru yashinzwe.

10 Naravuganye n’abahanuzi+,

ndagwiza ukwerekwa,

kandi naravuze imigani biciye ku bahanuzi.

11 I Gileyadi huzuye ububeshi*+ n’ibinyoma.

I Gilugali bahatangiye ibimazi vy’impfizi z’inka+,

kandi ibicaniro vyabo bimeze nk’ibirundo vy’amabuye biri mu maburi yo mu murima+.

12 Yakobo yahungiye mu karere ka Aramu*+.

Isirayeli+ yakoreyeyo ibikorwa kugira aronke umugore+,

aragira intama kugira amuronke+.

13 Yehova yakuye Isirayeli mu Misiri biciye ku muhanuzi+,

kandi yamurinze biciye ku muhanuzi+.

14 Efurayimu yarababaje Imana cane+,

kandi n’ubu aracagirwa n’amaraso.

Umukama wiwe azomuhanira iceyi yamusize+.»

13 «Efurayimu yaravuga abantu bakajugumira.

Yari umuntu ahambaye muri Isirayeli+.

Ariko yahavuye yagirwa n’icaha kubera ugusenga Bayali+ maze arapfa.

 2 N’ubu barabandanya gucumura

mu kwihingurira ibishusho mw’ifeza zabo*+.

Bakora ibigirwamana ku buhinga, bikamera nk’ivyakozwe n’umuhinguzi w’utugenegene.

Babibwira bati: “Abagabo bashikana ibimazi nibasome inyana+.”

 3 Ni co gituma bazomera nk’ibicu vyo mu gitondo,

nk’urume rukama hakiri kare,

nk’umuguruka wo ku mbuga* uguruwe n’igihuhusi

be n’umwotsi uca mu ntoboro y’igisenge.

 4 Ariko jewe ndi Yehova Imana yanyu kuva mukiri mu Misiri+.

Nta yindi Mana mwigeze mumenya atari jewe,

kandi nta wundi mukiza ahari atari jewe+.

 5 Nabamenye mukiri mu bugaragwa+, mu gihugu kigadutse.

 6 Barahagijwe n’uburagiro bwabo+.

Barariye barahaga, batangura kwishira hejuru,

baca baranyibagira+.

 7 Nzobabera nk’intambwe y’umukangara+,

nk’ingwe ibunze iruhande y’inzira.

 8 Nzobatarukirako nk’idubu yatakaje ivyana vyayo,

kandi nzotabagura igikiriza cabo*.

Nzobarokereza aho nyene nk’intambwe.

Igikoko co mw’ishamba kizobatabagura.

 9 Ewe Isirayeli, kizogutabagura

kuko wangararije, jewe umutabazi wawe.

10 None wa mwami wanyu ari hehe, ngo abarokore mu bisagara vyanyu vyose+?

Canke ba batware* banyu bari hehe, bamwe mwambwira ngo:

“Nuduhe umwami hamwe n’abaganwa+”?

11 Nabahaye umwami nshavuye+,

kandi nzomubaka narakaye+.

12 Ikosa rya Efurayimu riratekeye* neza,

kandi igicumuro ciwe kirabitswe.

13 Azobabara nk’umugore afashwe n’ibise.

Ariko ni umwana atagira ubwenge,

ntasohoka hageze ko avuka.

14 Nzobakura mu vyara vy’ukuzimu,

ndabakize urupfu+.

Wa rupfu we, za mboyi zawe ziri hehe+?

Wa kuzimu we, kwa gutikiza kwawe kuri hehe+?

Sinzogenda ndabumviye impuhwe.

15 Naho yosagamba hagati y’amarenga,

hazoza umuyaga uvuye mu buseruko, umuyaga wa Yehova.

Uzozanana mu bugaragwa kugira ukamye isoko ryiwe ry’amazi n’iriba ryiwe.

Uzosahura ibintu vyose vy’agaciro vyo mu bubiko bwiwe+.

16 Abanyasamariya bazokwagirwa n’icaha+, kuko bagararije Imana yabo+.

Bazomarwa n’inkota+.

Abana babo bazomenagurwa,

abagore babo bibungenze na bo bapasurwe inda*.»

14 «Ewe Isirayeli, garuka kuri Yehova Imana yawe+,

kuko watsitaye kubera ikosa ryawe.

 2 Nimugaruke kuri Yehova, mumubwire muti:

“Nuharire ikosa ryacu+ maze wemere iciza,

natwe tuzogushikanira ishemezo ry’iminwa yacu+ nk’aho yoba ari amashuri y’inka*.

 3 Ashuri ntizodukiza+.

Ntituzogendera ku mafarasi+,

kandi ntituzosubira kubwira ivyo amaboko yacu yakoze duti: ‘Ewe Mana yacu!’,

kuko ari wewe ugirira imbabazi impfuvyi+.”

 4 Nzokiza ubuhemu bwabo+.

Nzobakunda bivuye ku mutima+,

kuko nabakuyeko ishavu ryanje+.

 5 Nzobera Isirayeli nk’urume.

Azoshurika nk’ishurwe ry’ilisi,

kandi azoshora imizi nk’ibiti vy’i Libani.

 6 Imivyaro yiwe izosagarara,

ubwiza bwiwe bube nk’ubw’igiti c’umwelayo*,

akamoto kiwe na ko kabe nk’aka Libani.

 7 Bazosubira kwibera mu gitutu canje.

Bazorima intete, bashurike nk’igiti c’umuzabibu+.

Nzomenyekana hose* nk’umuvinyu w’i Libani.

 8 Efurayimu azovuga ati: “Ndacarondera iki mu bigirwamana+?”

Nzomwishura nongere ndamukingire+.

Nzoba nk’igiti c’umuberoshi gitotahaye.

Ivyamwa vyabo bizova iwanje.»

 9 Ni nde ari inkerebutsi? Natahure ivyo bintu.

Ni nde afise ubwenge? Namenye ivyo bintu.

Kuko inzira za Yehova zigororotse+,

kandi abagororotsi ni bo bazozigenderamwo,

ariko abacumuzi bazozitsitaramwo.

Rivuye mw’izina Hoshaya. Risobanura ngo «uwarokowe na Yehova», «Yehova yararokoye.»

Canke «igihumbu», «umusambanyi.»

Canke «ubwo buhumbu», «ubwo busambanyi.»

Iryo zina risobanura ngo «Imana izobiba imbuto.»

Canke «umuryango wa cami.» Mu giheburayo havuga ngo «inzu.»

Canke «mu mwonga.»

Iryo zina risobanura ngo «ntiyagiriwe imbabazi.»

Iryo zina risobanura ngo «si abantu banje.»

Raba akajambo k’epfo muri Hs 1:9.

Raba akajambo k’epfo muri Hs 1:6.

Canke «ubuhumbu», «ubusambanyi.»

Canke «mu buhumbu», «mu busambanyi.»

Raba Insiguro y’amajambo.

Canke «nzomujijura.»

Canke «umwonga.»

Canke «Bayali wanje.»

Canke «biberaho.»

Canke «mu rukundo rudahemuka (rudahera).»

Iryo zina risobanura ngo «Imana izobiba imbuto.»

Raba akajambo k’epfo muri Hs 1:6.

Raba akajambo k’epfo muri Hs 1:9.

Ni udukate bakoresha mu gusenga kw’ikinyoma.

Homeri imwe yangana n’amalitiro 220. Raba Inyongera ya B14.

Sayiri ni ubwoko bw’ingano.

Canke «ubuhumbu», «ubusambanyi.»

Mu giheburayo havuga ngo «imisi myinshi.»

Mu giheburayo ni «terafimu.» Raba Insiguro y’amajambo (Terafimu).

Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»

Canke «nzokuraho.»

Canke «inyigisho.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «ubuninahazwa bwanje babukavye ibimaramare.»

Ni ukuvuga ko bavyibuhijwe n’ibimazi vy’ibicumuro abantu b’Imana batanga.

Canke «ubuhumbu bw’agahomerabunwa», «ubumaraya.»

Canke «ubuhumbu», «ubusambanyi.»

Mu giheburayo havuga ngo «ni vyo bitwara umutima.»

Canke «impwemu.»

Mu giheburayo havuga ngo «abamaraya bo ku rusengero.» Raba Insiguro y’amajambo (Umumaraya).

Mu giheburayo havuga ngo «ahantu hagutse.»

Canke «inzoga z’ingano.»

Canke «mu buhumbu bw’agahomerabunwa», «mu bumaraya.»

Mu giheburayo havuga ngo «inkinzo.»

Canke «uzobatwara.»

Mu giheburayo havuga ngo «abo mu nzu.»

Canke «abampeba.»

Canke «bose nzobahana.»

Canke «mu buhumbu», «mu bumaraya.»

Canke «impwemu.»

Canke «k’ubuhumbu», «k’ubusambanyi.»

Canke «n’imirima.»

Canke «intambwe y’umukangara ifise ivyoya kw’izosi.»

Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»

Canke «urukundo rudahemuka (rudahera)», «imbabazi.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «imitima yabo irarurumba nk’ifuru igihe bamwegera bateguye imigambi mibi.»

Mu giheburayo havuga ngo «abacamanza.»

Mu giheburayo havuga ngo «itagira umutima.»

Mu giheburayo havuga ngo «nabibwiye ishengero ryabo.»

Ni ukuvuga ugusenga kw’ukuri kuri hejuru.

Canke «kuba abadahumanye.»

Canke «inyigisho.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «bazosubira mu Misiri.»

Canke «ubuhumbu», «ubusambanyi.»

Canke «igihe c’imisi mikuru yanyu yashinzwe.»

Canke «iyo mana iteye isoni.»

Canke «yuma.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «utotahaye.»

Canke «ububeshi.»

Mu giheburayo havuga ngo «ibibanza vyabo bitaramutse.» Raba Insiguro y’amajambo (Ibibanza bitaramutse).

Canke «ntiyashikiriye.»

Ni ukuvuga nibikorera igihano cabo nk’ingogo. Raba Insiguro y’amajambo (Ingogo).

Canke «bamwambike imigozi.»

Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»

Canke «igihe ba inabibondo bamenagurwa.»

Ni ukuvuga abahanuzi hamwe n’abandi Imana yarungitse kwigisha Abisirayeli.

Canke «imigozi y’ubuntu.» Biboneka ko yari imigozi abavyeyi bakoresha mu kwigisha abana babo gutambuka.

Raba Insiguro y’amajambo.

Mu giheburayo havuga ngo «mu mibangabanga.»

Canke «ukwengenga.»

Mu giheburayo havuga ngo «naho babahamagara ngo baje hejuru.» Ni ukuvuga ugusenga kw’ukuri kuri hejuru.

Mu giheburayo havuga ngo «zica zirashuha.»

Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»

Canke «ibintu vy’amageza.»

Canke «Siriya.»

Canke «mw’ifeza zabo bashongesheje.»

Cari ikibanza kiri mu murima bakubitirako ivyimburwa vy’intete.

Mu giheburayo havuga ngo «uruzitiro rw’umutima wabo.»

Mu giheburayo havuga ngo «ba bacamanza.»

Canke «rirazigamwe.»

Canke «bafomozwe.»

Mu giheburayo havuga ngo «natwe tuzoshikana amashuri y’iminwa yacu.»

Ico giti cama imyelayo (olive).

Mu giheburayo havuga ngo «icibutso canje kizomenyekana hose.»

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika