ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • nwt 2 Ngoma 1:1-36:23
  • 2 Ngoma

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • 2 Ngoma
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
2 Ngoma

IGITABU CA KABIRI C’IVYO KU NGOMA

1 Ubwami bwa Salomo umuhungu wa Dawidi burushiriza gukomera. Yehova Imana yiwe yari kumwe na we, kandi yatumye aba uwuhambaye cane+.

2 Nuko Salomo atumako Abisirayeli bose: abakuru b’imigwi y’abantu 1.000 n’ab’imigwi y’abantu 100, abacamanza, abakuru bose bo muri Isirayeli yose n’abakuru b’imigwi mikurumikuru igize imiryango* bavamwo. 3 Maze Salomo n’ishengero ryose baja ku kibanza co gusengeramwo* cari i Gibeyoni+. Ni ho hari ihema ry’ibonaniro ry’Imana y’ukuri, rimwe Musa wa musavyi wa Yehova yari yarubatse mu bugaragwa. 4 Ariko isandugu y’Imana y’ukuri, Dawidi yari yarayikuye i Kiriyati-Yeyarimu+ ayizana mu kibanza yayiteguriye, mw’ihema yayishingiye i Yeruzalemu+. 5 Ca gicaniro c’umujumpu+ cari carakozwe na Bezaleli+ umuhungu wa Uri, Uri mwene Huru, coco cari imbere y’ihema ryeranda rya Yehova. Salomo n’ishengero ryose bama basengera imbere yaco*. 6 Salomo araheza ashikana amashikanwa ng’aho imbere ya Yehova. Yatanze amashikanwa aturirwa 1.000, ayatangira kuri ico gicaniro+ c’umujumpu cari kw’ihema ry’ibonaniro.

7 Mw’ijoro Imana ibonekera Salomo imubwira iti: «Saba ico ugomba ko ndaguha+.» 8 Salomo aca yishura Imana ati: «Dawe Dawidi wamweretse urukundo* rwinshi+, kandi wangize umwami mu kibanza ciwe+. 9 None rero Yehova Mana, nushitse ivyo wasezeraniye dawe Dawidi+ kuko wangize umwami w’abantu benshi nk’umukungugu wo kw’isi+. 10 Ndagusavye rero, umpe ubukerebutsi* n’ubumenyi+ kugira ngo nshobore kuyobora neza aba bantu*. Ahandiho sinogenda nshoboye gucira imanza aba bantu bawe n’ingene ari benshi+.»

11 Maze Imana ibwira Salomo iti: «Ko ivyo ari vyo umutima wawe wipfuza, ukaba utasavye itunga canke ibihinda, ntusabe icubahiro canke agatwe* k’abakwanka canke ukuramba*, mugabo ukisabira ubukerebutsi n’ubumenyi kugira ngo ucire imanza abantu banje naguhaye ngo ubaganze+, 12 ubwo bukerebutsi n’ubumenyi nzobiguha. Nzoguha n’itunga, nguhe n’ibihinda n’icubahiro ata mwami n’umwe araronka mu babayeho imbere yawe, kandi no mu bazoza inyuma yawe nta wuzobironka+.»

13 Maze Salomo ava muri ico kibanza co gusengeramwo c’i Gibeyoni+, ahari ihema ry’ibonaniro, aja i Yeruzalemu, abandanya kuganza Isirayeli. 14 Salomo aguma agwiza imikogote n’amafarasi*. Yari afise imikogote 1.400 n’amafarasi* 12.000+. Bimwe vyari mu bisagara abikamwo imikogote+, ibindi bikaba i Yeruzalemu hafi y’aho yaba+. 15 Umwami Salomo yatumye ifeza n’inzahabu bigwira nk’amabuye+ i Yeruzalemu, ibiti vy’amasederi na vyo bigwira nk’ibiti vy’imisukomora vyo mu karere ka Shefela+. 16 Amafarasi ya Salomo bayakura mu Misiri+. Abadandaza b’umwami bagura ubusho bw’amafarasi* ku kiguzi cashinzwe+. 17 Umukogote uvuye mu Misiri wagurwa ifeza 600, ifarasi na yo ikagurwa 150. Baraheza bakabigurisha ku bami bose b’Abaheti n’abami ba Siriya.

2 Nuko Salomo ategeka ko hubakwa inzu yitirirwa izina rya Yehova+, hakubakwa n’ikirimba* c’umwami+. 2 Salomo atora rero abakozi 70.000 basanzwe* n’abandi 80.000 bajejwe kuringaniza amabuye mu misozi+, atora n’abantu 3.600 bo kubahagarikira+. 3 Vyongeye, Salomo arungikira Hiramu+ umwami w’i Tiro ubutumwa bugira buti: «Ngirira nk’uko wagiriye dawe Dawidi igihe wamurungikira ibiti vy’amasederi vyo kwubaka inzu* yiwe+. 4 Ngira nubake inzu yitirirwa izina rya Yehova Imana yanje, ndayimwegurire*. Bazohora bayituririramwo imibavu imota neza+ imbere yiwe, bame bayishiramwo imikate igerekeranye*+, bayitangiremwo n’amashikanwa aturirwa mu gitondo no ku mugoroba+, ku masabato+, ku mboneko z’ukwezi+ no ku misi mikuru+ ya Yehova Imana yacu. Iryo ni itegeko Abisirayeli bazokwama bakurikiza. 5 Inzu ngira nubake izoba ihambaye, kuko Imana yacu ihambaye kuruta izindi mana zose. 6 Yamara ni nde yoshobora kuyubakira inzu? Honyene n’ijuru iyo riva rikagera ntirishobora kuyikwira+. None jewe n’inda n’indesho noshobora nte kuyubakira inzu? Nta kindi nshoboye atari ukwubakira Imana ahantu abantu botangira ibimazi bigafumba umwotsi imbere yayo. 7 Ndagusavye rero undungikire umuntu w’umuhinga mu vy’inzahabu, ifeza, umujumpu+, ubutare bw’icuma, ubwoya busa n’umuyugubwe*, inyuzi zitukura* n’iz’ubururu, kandi azi gusarura udusharizo ku bintu. Azokorera mu Buyuda n’i Yeruzalemu ari kumwe n’abahinga banje dawe Dawidi yansigiye+. 8 Undungikire n’ibiti vy’amasederi, ivy’imiberoshi*+ n’ivyitwa alumugi*+ bivuye i Libani, kuko nzi neza yuko abakozi bawe ari abahinga mu vyo kwicira ibiti vy’i Libani+. Abakozi banje bazokorana n’abawe+, 9 bantegurire ibiti vyinshi kuko inzu ngira nubake izoba ari nini y’akataraboneka. 10 Ibi ni vyo bifungurwa nzoha abakozi bawe+ bicira ibiti: ingero zitwa koro* 20.000 z’ingano na 20.000 za sayiri*, ingero zitwa bati* 20.000 z’umuvinyu na 20.000 z’amavuta.»

11 Nuko Hiramu umwami w’i Tiro yandikira Salomo ubutumwa bugira buti: «Kubera ko Yehova akunda abantu biwe yakugize umwami wabo.» 12 Hiramu yongerako ati: «Yehova Imana ya Isirayeli nashemezwe we yaremye* ijuru n’isi, kuko yahaye umwami Dawidi umuhungu w’inkerebutsi+, yigengesera kandi afise ubwenge*+, azokwubakira inzu Yehova, akubaka n’ikirimba c’umwami. 13 Ndakurungikiye rero umuhinga afise ubwenge* yitwa Hiramu-Abi+. 14 Nyina ava mu muryango wa Dani, mugabo se yava i Tiro. Ni umuhinga mu vy’inzahabu, ifeza, umujumpu, ubutare bw’icuma, amabuye, ibiti, ubwoya busa n’umuyugubwe, inyuzi z’ubururu, ibitambara vyiza n’inyuzi zitukura*+. Arazi gusarura ku bintu udusharizo tw’ubwoko bwose no gukora ikintu ico ari co cose bamusavye gukora+. Azokorana n’abahinga bawe be n’abahinga ba databuja, ari we so Dawidi. 15 None rero databuja, rungika izo ngano na sayiri n’amavuta n’umuvinyu wemereye abakozi bawe+. 16 Natwe tuzokwicira ibiti vy’i Libani+ ukeneye vyose tubifatanye nk’amasaso, tubikurungikire i Yopa+ bireremba ku kiyaga, nawe uce ubidugana i Yeruzalemu+.»

17 Maze Salomo aharura abantu bose b’abanyamahanga baba mu gihugu ca Isirayeli+, haboneka 153.600. Yabaharuye inyuma ya rwa rusansuma se Dawidi yagira+. 18 Atora 70.000 muri bo abagira abakozi basanzwe*, abandi 80.000 abazeza kuringaniza amabuye+ mu misozi, abantu 3.600 na bo abagira abahagarikizi bajejwe gukoresha abantu+.

3 Maze Salomo atangura kwubaka inzu ya Yehova+ i Yeruzalemu ku musozi Moriya+, aho Yehova yari yarabonekeye se Dawidi+. Yayubatse mu kibanza Dawidi yari yarateguye ku mbuga yo mu murima* wa Orunani+ Umuyebusi. 2 Yatanguye kwubaka ku musi ugira kabiri, mu kwezi kugira kabiri, mu mwaka ugira kane aganza. 3 Umushinge Salomo yashinze kugira yubake inzu y’Imana y’ukuri wari ufise uburebure bw’intambwe 60 n’ubwaguke bw’intambwe 20+ hisunzwe ingero ya kera*. 4 Uburebure bw’ibaraza ry’imbere bwari intambwe 20, bukaba bwangana n’ubwaguke bw’iyo nzu*. Uburebure bwaryo bw’amahagarara bwari intambwe 20*. Imbere muri iryo baraza yahahometse inzahabu itavanze+. 5 Inyubakwa nkuru yayihometseko imbaho z’umuberoshi, hanyuma arenzako inzahabu+ nzizanziza, araheza ayishushanyako ibigazi+ n’iminyororo+. 6 Vyongeye, ahomeka kuri iyo nyubakwa amabuye meza y’agaciro+, kandi inzahabu+ yakoresheje yava i Paruvayimu. 7 Ahomeka inzahabu kuri iyo nyubakwa yose, ku gisenge*, ku bwinjiriro, ku mpome no ku miryango+, yongera asarura amashusho y’abakerubi ku mpome+.

8 Hanyuma akora icumba* citwa Aheranda cane+. Uburebure bwaco bwari intambwe 20, bukaba bwangana n’ubwaguke bw’iyo nyubakwa. Ubwaguke bwaco na bwo bwari intambwe 20. Araheza yomeka kuri ico cumba inzahabu nzizanziza+ zingana n’italanto* 600. 9 Inzahabu yakoreshejwe ku misumari yapima shekeli* 50. Ivyumba vyo hejuru na vyo nyene yavyometseko inzahabu.

10 Hanyuma akora abakerubi babiri muri ca cumba* citwa Aheranda cane, maze abomekako inzahabu+. 11 Uburebure bw’amababa y’abo bakerubi+ bwose hamwe bwari intambwe 20. Ibaba rimwe ry’umukerubi wa mbere ryareha n’intambwe zitanu, rigakora ku ruhome rw’iyo nzu. Irindi baba ryiwe ryareha n’intambwe zitanu, rigakora kw’ibaba ry’umukerubi wa kabiri. 12 Ibaba rimwe ry’umukerubi wa kabiri ryareha n’intambwe zitanu, rigakora ku rundi ruhome rw’iyo nzu. Irindi baba ryiwe ryareha n’intambwe zitanu, rigakora kw’ibaba ry’umukerubi wa mbere. 13 Amababa y’abo bakerubi yari ashanje ahareha n’intambwe 20. Bari bahagaze bagororotse, baraba Aheranda.

14 Akora n’irido+ mu nyuzi z’ubururu, mu bwoya busa n’umuyugubwe*, mu nyuzi zitukura* no mu gitambara ciza, ayidesako abakerubi*+.

15 Hanyuma akora inkingi zibiri+ imbere ya ya nyubakwa. Zari zifise uburebure bw’intambwe 35. Hejuru y’inkingi imwimwe yose hari ikintu kimeze nk’igikono c’intambwe zitanu+. 16 Akora n’utunyororo two gushariza tumeze nk’imigufu, adushira ku bikono vyari hejuru y’izo nkingi. Yongera akora amashusho 100 y’ivyamwa vyitwa amakomamanga, maze ayashira kuri utwo tunyororo. 17 Araheza ashinga izo nkingi imbere y’urusengero, imwe iburyo* iyindi ibubamfu*. Iy’iburyo ayita Yakini*, iy’ibubamfu na yo ayita Bowazi*.

4 Maze akora igicaniro+ c’umujumpu gifise uburebure bw’intambwe* 20, ubwaguke bw’intambwe 20 n’uburebure bw’amahagarara bw’intambwe 10.

2 Ashongesha ubutare bw’umujumpu, akora igitangi kimeze nk’umuzingi citwa Ikiyaga+. Kuva ku mbiga imwe gushika ku yindi cari gifise intambwe 10. Uburebure bwaco bw’amahagarara bwari intambwe 5. Kugikikuza cose vyasaba umugozi w’intambwe 30+. 3 Munsi y’imbiga z’ico gitangi, hose hari hakikujwe n’udusharizo tumeze nk’imyungu+. Hagati y’intambwe n’iyindi hari udusharizo cumi. Twari dutonze mu mirongo ibiri kandi twakoranywe n’ico gitangi mu butare bushongeshejwe. 4 Ico gitangi cari gihagaze ku mpfizi 12+. Zitatu zaraba mu buraruko, zitatu zikaraba mu burengero, zitatu mu bumanuko, zindi zitatu mu buseruko. Izo mpfizi zarahana imigongo, ico gitangi na co kikaba hejuru yazo. 5 Intimbatimba yaco yangana n’ubwaguke bw’ikiganza*. Cari gifise umunwa nk’uw’igikombe, umeze nk’ishurwe ry’ilisi. Cajamwo amazi angana n’ingero zitwa bati 3.000*.

6 Akora n’ibibesani cumi, ashira bitanu iburyo na bitanu ibubamfu+. Ivyo bibesani ni vyo bakoresha mu kwoza no mu kurongorora ibintu vyakoreshwa mu gutanga ishikanwa riturirwa+. Mugabo amazi yo muri ca gitangi citwa Ikiyaga ni yo abaherezi bakoresha mu kwiyoza+.

7 Maze akora ibintu cumi vy’inzahabu baterekako amatara+, yisunze umugero yahawe+. Araheza abishira mu rusengero, bitanu iburyo na bitanu ibubamfu+.

8 Akora n’imeza cumi azishira mu rusengero, zitanu iburyo na zitanu ibubamfu+. Hanyuma akora amabakure 100 y’inzahabu.

9 Hanyuma atunganya ikigo+ c’abaherezi+ n’ikigo kinini+. Akora n’imiryango ya nya kigo kinini, ayihomekako umujumpu. 10 Ca gitangi citwa Ikiyaga agishira iburyo, amaja mu bumanuko bushira ubuseruko+.

11 Hiramu akora n’utudobo, ibipawa n’amabakure+.

Nuko arangiza ibintu umwami Salomo yamusavye gukora bijanye n’inzu y’Imana y’ukuri+. Ni vyo vy’ibi: 12 za nkingi zibiri+ na vya bintu bimeze nk’ibikono vyari hejuru yazo, twa tuntu tubiri tumeze nk’urusenga+ twari dukikuje ivyo bikono bibiri, 13 na ya makomamanga 400+ yari kuri za nsenga zibiri atonze mu mirongo ibiri kuri buri rusenga. Ayo makomamanga yari ayo gupfuka ivyo bikono bibiri vyari hejuru kuri izo nkingi+. 14 Yakoze na ya mashareti* cumi na vya bibesani cumi vyari kuri yo+, 15 ca gitangi citwa Ikiyaga na za mpfizi 12 zari munsi yaco+, 16 twa tudobo, vya bipawa, ya makanya+ n’ibindi bikoresho vyose Hiramu-Abi*+ yakoreye umwami Salomo ku bw’inzu ya Yehova. Yabikoze mu mujumpu usenye. 17 Umwami yabikoresheje mu maforoma y’ibumba basukamwo ubutare bashongesheje. Vyakorewe mu karere ka Yorodani, hagati y’i Sukoti+ n’i Sereda. 18 Ivyo bikoresho vyose Salomo yakoze vyari vyinshi cane. Ntiyapimye n’uburemere bw’ubutare bw’umujumpu bakoresheje+.

19 Nuko Salomo akora ibikoresho+ vyose vy’inzu y’Imana y’ukuri: igicaniro c’inzahabu+, imeza+ zashirwako imikate y’ishikanwa+, 20 n’ivyo baterekako amatara n’amatara yavyo bikozwe mu nzahabu itavanze+. Ayo matara yakira imbere y’icumba c’ahiherereye nk’uko vyasabwa. 21 Akora n’amashurwe, amatara n’udupensi*, vyose abikora mu nzahabu, emwe inzahabu itavanze na gato. 22 Akora n’udukasi*, amabakure, ibikombe, udupanu tujamwo umuriro, vyose abikora mu nzahabu itavanze. Akora n’ubwinjiriro bwa nya nzu n’imiryango y’indani y’Aheranda cane+ n’imiryango y’Aheranda*. Vyose yabikoze mu nzahabu+.

5 Salomo arangiza ivyo yategerezwa gukora bijanye n’inzu ya Yehova+. Salomo araheza azana ibintu se Dawidi yari yareguriye Imana*+, maze ashira ifeza, inzahabu n’ibindi bintu vyose mu bubiko bw’itunga ry’inzu y’Imana y’ukuri+. 2 Ico gihe Salomo akoranya abashingantahe bo muri Isirayeli, abakuru b’imiryango bose n’abakuru b’imigwi mikurumikuru igize imiryango ya Isirayeli. Baja i Yeruzalemu kugira ngo badugane isandugu y’isezerano rya Yehova bayikuye mu gisagara ca Dawidi+, ari co Siyoni+. 3 Nuko abagabo bo muri Isirayeli bose bakoranira imbere y’umwami ku musi mukuru* uhimbazwa mu kwezi kugira indwi+.

4 Abashingantahe bose bo muri Isirayeli bamaze kuza, Abalewi baca barerura iyo sandugu+. 5 Abaherezi n’Abalewi* baca badugana isandugu, ihema ry’ibonaniro+ n’ibikoresho vyeranda vyose vyari muri ryo. 6 Umwami Salomo n’Abisirayeli bose yari yatumiye bakoranira imbere y’iyo sandugu, bashikana ibimazi+ vy’intama n’inka bidaharurika. 7 Maze abaherezi binjiza isandugu y’isezerano rya Yehova mu kibanza cayo. Bayishira mu cumba c’ahiherereye c’urusengero*, ni ukuvuga Aheranda cane, munsi y’amababa ya ba bakerubi+. 8 Amababa y’abo bakerubi yari ashanje hejuru y’aho iyo sandugu iteretse, ku buryo bapfuka iyo sandugu yari munsi yabo n’ibibando vyo kuyireruza*+. 9 Ivyo bibando vyari birebire cane ku buryo umuntu ari Aheranda imbere y’icumba c’ahiherereye yabona imitwe yavyo, mugabo uwuri hanze nta yo yabona. Ivyo bibando ni ho bikiri gushika n’uyu musi. 10 Muri iyo sandugu nta kindi carimwo atari vya bisate bibiri Musa yashiramwo bari i Horebu+, igihe Yehova yagirana isezerano+ n’Abisirayeli bavuye mu Misiri+.

11 Igihe abaherezi bava ahantu heranda (kuko abaherezi bose bo mu migwi itandukanye+ bari ng’aho bari biyejeje+), 12 abaririmvyi bose b’Abalewi+ bayoborwa na Asafu+, Hemani+, Yedutuni+, abahungu babo na benewabo, bari bambaye impuzu zo mu bitambara vyiza. Bari bafise ivyuma bisama, ibicurarangisho vy’imirya n’inanga. Bari bahagaze mu buseruko bw’igicaniro, bari kumwe n’abaherezi 120 bavuza inzumbete+. 13 Abavuza inzumbete n’abaririmvyi bariko bashemeza Yehova bongera bamukengurukira, amajwi yabo ahuje nk’ijwi rimwe. Ijwi ry’inzumbete, iry’ivyuma bisama n’iry’ibindi bicurarangisho ryaguma risamirana igihe bariko bashemeza Yehova, «kuko ari mwiza, kandi urukundo* rwiwe rwamaho ibihe vyose+.» Ako kanya urusengero, ari yo nzu ya Yehova, rwuzura igicu+. 14 Ico gicu gituma abaherezi badashobora kubandanya igikorwa cabo kubera ko ubuninahazwa bwa Yehova bwari bwuzuye inzu y’Imana y’ukuri+.

6 Maze Salomo avuga ati: «Yehova, wavuze ko uzoba mu mwiza w’umuzitanya+. 2 None raba narakwubakiye inzu ihambaye uzobamwo ibihe vyose+.»

3 Maze umwami arahindukira, araba ishengero ryose ry’Abisirayeli bari bahagaze imbere yiwe, atangura kubahezagira+. 4 Avuga ati: «Yehova Imana ya Isirayeli aragahezagirwa, we yashikije* ivyo ubwiwe yavuze* igihe yasezeranira dawe Dawidi ati: 5 “Kuva umusi nakura abantu banje mu gihugu ca Misiri, nta gisagara natoye mu miryango yose ya Isirayeli ngo bahubake inzu izokwama yitirirwa izina ryanje+. Kandi nta muntu natoye ngo abe indongozi y’abantu banje b’Abisirayeli. 6 Mugabo natoye igisagara ca Yeruzalemu+ ngo came citirirwa izina ryanje, ntora na Dawidi kugira ngo aganze abantu banje b’Abisirayeli+.” 7 Dawe Dawidi yaripfuje cane kwubaka inzu yitirirwa izina rya Yehova Imana ya Isirayeli+. 8 Mugabo Yehova abwira dawe Dawidi ati: “Waripfuje cane kwubaka inzu yitirirwa izina ryanje, kandi wagize neza. 9 Ariko si wewe uzokwubaka iyo nzu. Umuhungu uzovyara* ni we azokwubaka inzu yitirirwa izina ryanje+.” 10 Yehova yarashikije ivyo yari yarasezeranye: dawe Dawidi naramusubiriye, nicara ku ntebe y’ubwami ya Isirayeli+, nk’uko Yehova yari yarabisezeranye+. Narubatse n’inzu yitirirwa izina rya Yehova Imana ya Isirayeli. 11 Muri iyo nzu nahashize isandugu irimwo isezerano+ Yehova yagiranye n’Abisirayeli.»

12 Maze Salomo ahagarara imbere y’igicaniro ca Yehova, ishengero ryose ry’Abisirayeli riri imbere yiwe, aduza amaboko+. 13 (Salomo yari yarubatse ikintu c’umujumpu gitaramutse co guhagararako, agishira hagati na hagati mu kigo+. Cari gifise uburebure bw’intambwe* zitanu, ubwaguke bw’intambwe zitanu n’uburebure bw’amahagarara bw’intambwe zitatu. Araheza agihagararako.) Maze apfukama imbere y’ishengero ryose rya Isirayeli, aduza amaboko ayerekeje mw’ijuru+. 14 Avuga ati: «Ewe Yehova Mana ya Isirayeli, nta Mana iriho imeze nkawe mw’ijuru canke kw’isi. Urashitsa ivyo wasezeranye kandi ukereka urukundo rudahera* abasavyi bawe bagukorera* n’umutima wabo wose+. 15 Warubahirije ivyo wasezeraniye umusavyi wawe dawe Dawidi+. Uyu musi ushikije ivyo wewe ubwawe wasezeranye+. 16 None rero Yehova Mana ya Isirayeli, ndagusavye uze ushitse ivyo wasezeraniye umusavyi wawe dawe Dawidi igihe wavuga uti: “Abana bawe nibaguma bigenza neza, bakagendera mu mategeko yanje nk’uko wabigize*, mu muryango wawe ntihazokwigera habura uwicara ku ntebe y’ubwami ya Isirayeli+.” 17 Yehova Mana ya Isirayeli, ndagusavye ushitse ivyo wasezeraniye umusavyi wawe Dawidi.

18 Ariko none Mana, vy’ukuri uzobana n’abantu kw’isi+? N’ijuru iyo riva rikagera ntirishobora kugukwira+, nkanswe iyi nzu nubatse+! 19 Ndagusavye rero Yehova Mana yanje wumvirize iri sengesho ryanje jewe umusavyi wawe, wumvirize n’ugutakamba kwanje. Ndagusavye wumve ugutabaza kwanje n’isengesho ndagutuye. 20 Nugumize amaso yawe kuri iyi nzu umurango n’ijoro, aho wavuze ko uzoshira izina ryawe+. Nuyigumizeko amaso kugira ngo unyumvirize jewe umusavyi wawe ninagusenga ntumbereye aha hantu. 21 Uze wumvirize ugutakamba kwanje jewe umusavyi wawe n’ukw’abantu bawe b’Abisirayeli, nibasenga batumbereye aha hantu+. Uze wumvirize uri mw’ijuru aho uba+, maze utubabarire+.

22 Umuntu niyacumura kuri mugenziwe, hari aho bomutegeka kurahira* na we akavyemera, hanyuma amaze kurahira akaza imbere y’igicaniro cawe muri iyi nzu+. 23 Nivyaba, uze wumve uri mw’ijuru ugire ico ukoze. Uze ucire urubanza abasavyi bawe: umubisha umusubirize mu nkoko, ivyo yakoze bije ku gatwe kiwe+, umugororotsi na we umwambike izera*, umuhembere ubugororotsi bwiwe+.

24 Abantu bawe b’Abisirayeli nibatsindwa n’abansi babo kubera ko bazoba bagumye bagucumurako+, hanyuma bagahindukira bakaninahaza izina ryawe+, bakaza gusengera+ imbere yawe muri iyi nzu bagutakambira+, 25 uze wumve uri mw’ijuru+. Uze ubabarire igicumuro c’abantu bawe b’Abisirayeli, hanyuma ubagarukane mu gihugu wabahaye bo na ba sekuruza babo+.

26 Ijuru niryugarwa, imvura ikareka kugwa+ kubera yuko bagumye bagucumurako+, hanyuma bagasenga batumbereye aha hantu, bakaninahaza izina ryawe, bagaheba ibicumuro vyabo kubera wabacishije bugufi*+, 27 uze wumve uri mw’ijuru. Uze ubabarire ibicumuro vy’abasavyi bawe, ubabarire abantu bawe b’Abisirayeli, ubigishe inzira nziza bakwiye gucamwo+. Uzoce ugwisha imvura+ ku gihugu cawe, ico wahaye abantu bawe nk’intoranwa.

28 Mu gihugu nihatera inzara+, ikiza+, imiyaga ibabura ibiterwa, ingese y’ibiterwa*+, inzige canke ibihori bitema bigatongora+, canke abansi babo bakugariza igisagara cabo ico ari co cose+, canke bagaterwa n’icago ico ari co cose canke indwara iyo ari yo yose+, 29 ntibazobura kugusenga+. Umuntu uwo ari we wese canke abantu bawe b’Abisirayeli bose, nibagusenga canke bakagutakambira+ (kuko umwe wese azi amagorwa yiwe n’umubabaro wiwe+), maze bakaduza amaboko bayerekeje kuri iyi nzu+, 30 uze wumve rero uri mw’ijuru aho uba+, ubababarire+. Umwe wese uze umuhe ibikwiranye n’ivyo akora kuko uzi umutima wiwe. (Ni wewe wenyene uzi neza umutima w’umuntu+). 31 Uze ubigire kugira ngo bagutinye, bagendere mu nzira zawe igihe cose bazoba mu gihugu wahaye ba sogokuruza bacu.

32 Kandi nihagira umunyamahanga atari uwo mu bantu bawe b’Abisirayeli aza avuye mu gihugu ca kure, akaza azanywe n’izina ryawe rihambaye*+ n’ukuboko kwawe gukomeye kandi kw’ububasha*, akaza maze agasenga atumbereye iyi nzu+, 33 uze umwumvirize uri mw’ijuru aho uba, umukorere ivyo agusavye vyose. Amahanga yose yo kw’isi azoheza amenye izina ryawe+ yongere agutinye nk’uko abantu bawe b’Abisirayeli bagutinya, amenye kandi yuko iyi nzu nubatse yitirirwa izina ryawe.

34 Niwarungika abantu bawe ahantu aho ari ho hose ngo baje kurwanya abansi babo+, maze bakagusenga+ batumbereye iki gisagara watoye n’iyi nzu nubatse ngo yitirirwe izina ryawe+, 35 uze rero wumve isengesho ryabo. Uze wumve n’ugutakamba kwabo uri iyo mw’ijuru, ubafashe*+.

36 Abantu bawe nibagucumurako (kuko ata muntu adacumura+), hari aho wobashavurira cane maze ukareka abansi babo bakabatsinda, bakabatwara ari imbohe mu gihugu kanaka, caba kiri kure canke hafi+. 37 Bagezeyo hari aho bokwigarura bakakugarukako, bakagutakambira bari muri ico gihugu batwawemwo ari imbohe, bakakubwira bati: “Twaracumuye tugira nabi, dukora ivy’ububisha+.” 38 Hari aho bokugarukako n’umutima wabo wose+ n’ubuzima bwabo bwose bari muri ico gihugu babajanyemwo ari imbohe+, maze bakagusenga batumbereye igihugu cabo wahaye ba sekuruza babo n’igisagara watoye+ be n’iyi nzu nubatse ngo yitirirwe izina ryawe. 39 Uze rero wumve isengesho ryabo n’ugutakamba kwabo uri iyo mw’ijuru aho uba, ubafashe*+, ubabarire abantu bawe bagucumuyeko.

40 Ndakwinginze rero Mana yanje, uze utwitegereze igihe tugusengera muri iki kibanza*, wongere udutege amatwi+. 41 None rero Yehova Mana, ingo uje mu kibanza cawe co kuruhukiramwo+ wewe n’isandugu yerekana inkomezi zawe. Ewe Yehova Mana, abaherezi bawe nibambare ubukiriro kandi intahemuka zawe zinezererwe ivyiza biva iwawe+. 42 Yehova Mana, ntuhebe uwo warobanuje amavuta*+. Uze wame wibuka urukundo rudahera* wakunze umusavyi wawe Dawidi+.»

7 Salomo akirangiza gusenga+, umuriro umanuka uvuye mw’ijuru+, uturira ishikanwa riturirwa n’ibindi bimazi. Ubuninahazwa bwa Yehova buca bwuzura iyo nzu+. 2 Abaherezi ntibashoboye kwinjira mu nzu ya Yehova kuko ubuninahazwa bwa Yehova bwari bwuzuye inzu ya Yehova+. 3 Abisirayeli bose babonye uwo muriro umanutse, bakabona n’ubuninahazwa bwa Yehova kuri iyo nzu, baca barunama mu maso hashika hasi ku mabuye ashashe. Maze bakengurukira Yehova «kuko ari mwiza, urukundo* rwiwe rukaba rwamaho ibihe vyose.»

4 Umwami n’abantu bose bashikanira Yehova ibimazi+. 5 Umwami Salomo ashikanira Imana inka 22.000 n’intama 120.000. Ni ukwo vyagenze igihe umwami n’abantu bose binjira inzu y’Imana y’ukuri+. 6 Abaherezi bari bahagaze mu bibanza bakoreramwo, cokimwe n’Abalewi bari bafise ibicurarangisho bakoresha mu kuririmbira Yehova+. (Umwami Dawidi yakoze ivyo bicurarangisho kugira aze arabikoresha mu gukengurukira Yehova igihe yaba ariko aramushemeza biciye kuri bo*, «kuko urukundo* rwiwe rwamaho ibihe vyose.») Abaherezi bariko bavuza inzumbete n’ijwi rirenga+ bari imbere y’Abalewi, Abisirayeli bose na bo bahagaze.

7 Maze Salomo yeza igice co hagati c’ikigo cari imbere y’inzu ya Yehova. Ni ho yaciye ashikanira amashikanwa aturirwa+ n’ibihimba binuze vy’ibimazi vyo gusangira. Yabigize kubera ko igicaniro c’umujumpu+ yari yarakoze kitakwiwemwo ibimazi biturirwa, amashikanwa y’intete+ n’ivyo bihimba binuze+. 8 Ico gihe Salomo agira umusi mukuru wamaze imisi indwi+ ari kumwe n’Abisirayeli bose. Ryari ishengero rinini cane ryaje riva i Lebo-Hamati* no gushika ku mwonga* wa Misiri+. 9 Bamaze imisi indwi bari mu vyo gushikiriza Imana nya gicaniro, bamara n’iyindi misi indwi bagira umusi mukuru. Mugabo ku musi ugira umunani* bagira ikoraniro ridasanzwe+. 10 Ku musi ugira 23 w’ukwezi kugira indwi, umwami asezera abantu. Baca barataha banezerewe+ kandi baryohewe mu mutima kubera ivyiza vyose Yehova yakoreye Dawidi, Salomo n’ihanga ryiwe Isirayeli+.

11 Nuko Salomo arangiza kwubaka inzu ya Yehova n’ikirimba* ciwe+. Ikintu cose yari yipfuje gukora ku bijanye n’inzu ya Yehova be n’ikirimba ciwe yaragikoze neza+. 12 Maze Yehova abonekera Salomo+ mw’ijoro, amubwira ati: «Numvise isengesho ryawe, kandi natoye aha hantu ngo habe ahanje, habe inzu itangirwamwo ibimazi+. 13 Ninugara ijuru ntihagwe imvura, canke nkategeka ibihori guhonya igihugu, canke nkarungika ikiza mu bantu banje, 14 maze abantu banje bitirirwa izina ryanje+ bakicisha bugufi+ bagasenga, bakandondera*, bagaheba ingeso zabo mbi+, nzoheza ndabumve ndi mw’ijuru ndabababarire igicumuro cabo, nkize igihugu cabo+. 15 Ubu rero nzogumiza ijisho ku basengera ng’aha, numvirize n’amasengesho yabo+. 16 Iyi nzu nayitoye nongera ndayeza kugira ngo yame yitirirwa izina ryanje+, kandi nzoyamizako ijisho n’umutima+.

17 Nawe niwigenza neza nka so Dawidi, ugakora ivyo nagutegetse vyose kandi ukagamburuka amabwirizwa yanje n’ingingo nashinze+, 18 nanje rero nzokomeza ubwami bwawe+ nk’uko nabisezeraniye so Dawidi+, nti: “Mu muryango wawe ntihazokwigera habura uwuganza Isirayeli+.” 19 Mugabo nimwantera akagere, mukareka gukurikiza amabwirizwa n’amategeko nabahaye, mugatangura gusenga* izindi mana no kuzunamira+, 20 nzorandura rero Abisirayeli mu gihugu nabahaye+, n’iyi nzu nejeje ngo yitirirwe izina ryanje ndayihebe, imve mu maso. Izosigara igayitse*, ibe n’akamenyo imbere y’amahanga yose+. 21 Iyi nzu wubatse izosigara ari ibihomvagurike. Uwuzoyica iruhande wese azoyiraba yumirwe+, abaze ati: “Mbe basha iki gihugu n’iyi nzu Yehova yabihoye iki+?” 22 Bazomwishura bati: “Abantu bahaba barahevye Yehova+ Imana ya ba sekuruza yabakuye mu gihugu ca Misiri+, baja ku zindi mana, barazunamira barazisenga*+. Ni co catumye abateza ibi vyago vyose+.”»

8 Salomo yamaze imyaka 20 yubaka inzu ya Yehova n’ikirimba* ciwe+. 2 Inyuma y’ivyo yaciye asubira kwubaka ibisagara Hiramu+ yari yaramuhaye maze abishiramwo Abisirayeli. 3 Vyongeye Salomo aja gutera i Hamati-Zoba, arahafata. 4 Maze akomeza* igisagara ca Tadumori cari mu bugaragwa be n’ibisagara vyose yari yarubatse i Hamati+ vyo kubikamwo ibintu+. 5 Akomeza n’igisagara ca Beti-Horoni ya Ruguru+ n’ica Beti-Horoni y’Epfo+, biba ibisagara bikingijwe ibihome, bifise amarembo n’ivyugazo. 6 Salomo akomeza n’igisagara ca Bayalati+, ibisagara vyiwe vyose vyo kubikamwo ibintu, ibisagara vyose vyo kubikamwo imikogote+ n’ibisagara vy’abagendera ku mafarasi. Yubaka n’ivyo yipfuza kwubaka vyose i Yeruzalemu, i Libani n’ahandi hose mu gihugu yaganza.

7 Hari abantu batari abo mu Bisirayeli bari basigaye mu gihugu. Bari Abaheti, Abamori, Abaperizi, Abahiwi n’Abayebusi+. 8 Abakomotse kuri abo bantu bari basigaye mu gihugu, Abisirayeli ntibari barabatikije+. Abo ni bo Salomo yakoresheje ibikorwa vy’agahato, abagira abashumba gushika n’uyu musi+. 9 Ariko mu Bisirayeli nta n’umwe Salomo yagize umushumba amukorera+. Bobo yabagize abarwanyi, abakuru b’ibisongerezi vyiwe, abakuru b’abatwara imikogote n’abakuru b’abagendera ku mafarasi+. 10 Umwami Salomo yari afise abakuru 250 bajejwe abahagarikira ibikorwa. Ni bo batwara abakozi+.

11 Salomo akura umukobwa wa Farawo+ mu gisagara ca Dawidi, amuzana mu nzu yamwubakiye+. Yabigize kuko yavuze ati: «Naho ari umugore wanje, ntakwiye kuba mu nzu ya Dawidi umwami wa Isirayeli, kuko ibibanza isandugu ya Yehova yashitsemwo ari vyeranda+.»

12 Maze Salomo ashikanira Yehova ibimazi biturirwa+ ku gicaniro+ ca Yehova yari yarubatse imbere y’ibaraza+. 13 Yarakurikiza urutonde rwa buri musi, agatanga amashikanwa yatangwa ku masabato+, ku mboneko z’ukwezi+ no ku misi mikuru itatu yaba buri mwaka+, ari yo y’iyi: umusi mukuru w’imikate itarimwo umwambiro+, umusi mukuru w’amayinga+ n’umusi mukuru w’insago*+. Yabigira akurikije ibwirizwa rya Musa. 14 Vyongeye, ashiraho imigwi y’abaherezi+ ku bw’ibikorwa vyo ku rusengero yisunze ivyo se Dawidi yashinze. Ashinga n’Abalewi ibikorwa kugira ngo bazoze barashemeza Imana+ bongere bayikorere bari kumwe n’Abaherezi nk’uko vyagirwa buri musi. Ashiraho n’imigwi y’abarinzi b’amarembo bo kurinda amarembo+ atandukanye. Ivyo yabigize akurikije ivyo wa muntu w’Imana y’ukuri Dawidi yategetse. 15 Ntibarenze ku vyo umwami yategetse abaherezi n’Abalewi ku vyerekeye ibigega canke ikindi kintu ico ari co cose. 16 Ibikorwa vyose Salomo yakoze vyari bitunganijwe neza*, kuva umusi yashinga umushinge w’inzu ya Yehova+ gushika iheze. Nuko inzu ya Yehova irarangira+.

17 Mu nyuma Salomo aja i Eziyoni-Geberi+ n’i Eloti+, ku nkengera y’ikiyaga, mu gihugu ca Edomu+. 18 Hiramu+ yaramurungikira amato* n’abantu bamenyereye cane ikiyaga, biciye ku basuku biwe. Baraja i Ofiri+ bari kumwe n’abasuku ba Salomo, bakagaruka bazaniye umwami Salomo italanto* 450 z’inzahabu+.

9 Maze umwamikazi w’i Sheba+ aza i Yeruzalemu kugeza Salomo n’ibibazo bigoye* kubera yumvise ukuntu Salomo ari rurangiranwa. Yari aherekejwe n’abantu benshi cane n’ingamiya zitwaye amavuta amota neza*, inzahabu+ nyinshi cane n’amabuye y’agaciro. Yinjira aho Salomo ari, maze bayaga ivyari ku mutima wiwe vyose+. 2 Salomo araheza amwishura ibibazo vyiwe vyose. Nta na kimwe Salomo atashoboye kumusigurira*.

3 Umwamikazi w’i Sheba abonye ubukerebutsi* bwa Salomo+, n’inzu yari yubatse+, 4 n’ibifungurwa vyo ku meza yiwe+, n’ukuntu abantu biwe bicara ku meza, n’ukuntu abasuku biwe batanga ibifungurwa n’ingene baba bambaye, n’abasuku biwe batanga ibinyobwa n’ingene baba bambaye, n’ibimazi biturirwa yama ashikana ku nzu ya Yehova+, aca arumirwa biramurenga*. 5 Nuko abwira umwami ati: «Ivyo numvise mu gihugu canje ku bijanye n’ivyo wakoze* be n’ubukerebutsi bwawe kwari ukuri. 6 Mugabo sinavyemeye gushika ndahishikiye nkavyibonera+. None nsanze ata n’igice c’ubukerebutsi bwawe bwinshi+ bambwiye. Nsanze biruta kure n’iyo ivyo nari narumvise+. 7 Abantu bawe n’abasuku bamana nawe barahiriwe kubera bumviriza ubukerebutsi bwawe. 8 Yehova Imana yawe nashemezwe, we yagushimye akakwicarika ku ntebe y’ubwami yiwe ngo utwarire Yehova Imana yawe. Kubera ko Imana yawe ikunda Abisirayeli+, yakugize umwami wabo ngo ubatware neza* wongere ubatunganirize, kugira ngo Isirayeli yameho ibihe vyose.»

9 Maze aha umwami italanto* 120 z’inzahabu+ n’amavuta amota neza* menshi cane n’amabuye y’agaciro. Nta wundi yongeye kuzana amavuta nk’ayo umwamikazi w’i Sheba yahaye umwami Salomo+.

10 Vyongeye, abasuku ba Hiramu n’aba Salomo bahora bazana inzahabu bazikuye i Ofiri+, bakaza bazanye n’ibiti vyitwa alumugi* hamwe n’amabuye y’agaciro+. 11 Ivyo biti umwami yabikozemwo ingazi z’inzu ya Yehova+ n’iz’inzu* y’umwami+, abikoramwo n’inanga n’ibicurarangisho vy’imirya vy’abaririmvyi+. Nta biti nk’ivyo vyari bwigere biboneka mu Buyuda.

12 Umwami Salomo na we aha umwamikazi w’i Sheba ikintu cose yipfuza n’ico yasavye cose. Yamuhaye ibiruta ivyo yari yamuzaniye*. Uwo mwamikazi araheza asubira mu gihugu ciwe ari kumwe n’abasuku biwe+.

13 Buri mwaka Salomo yaronka inzahabu zipima italanto 666+. 14 Aho ntidushizemwo inzahabu n’ifeza abadandaza b’ingenzi, abandi badandaza, abami bose b’Abarabu na ba buramatari bo mu gihugu bazanira Salomo+.

15 Umwami Salomo akora inkinzo zagutse 200 mu nzahabu ivanze+ (inkinzo imwe yose ijako shekeli* 600 z’inzahabu ivanze+). 16 Akora n’inkinzo ntonto* 300 mu nzahabu ivanze (inkinzo imwe yose ijako imina* zitatu z’inzahabu). Maze umwami abishira muri ya nyubakwa yitwa Inzu y’ikibira c’i Libani+.

17 Umwami akora intebe y’ubwami y’agatangaza akoresheje amasenge*, maze ayihomekako inzahabu itavanze+. 18 Hariho ingazi y’intambuko zitandatu zishikana kuri nya ntebe y’ubwami. Iyo ntebe yari ifise ahantu ho gushira ibirenge hakozwe mu nzahabu, hafatanye n’iyo ntebe. Yari ifise n’ahantu ho gushira amaboko ku mpande zayo zompi, hafi yaho hakaba hariho intare zibiri+. 19 Irya n’ino ku mpera z’izo ntambuko zitandatu z’ingazi hariho intare 12+, zitandatu ku ruhande rumwe, zitandatu ku rundi. Nta bundi bwami bwari bufise intebe nk’iyo. 20 Ivyo umwami Salomo yanyweramwo vyose vyari bikozwe mu nzahabu. Ivyombo vyose vyo muri ya Nzu y’ikibira c’i Libani na vyo vyari bikozwe mu nzahabu itavanze. Nta na kimwe cari gikozwe mw’ifeza. Mu gihe ca Salomo ifeza yabonwa ko ata co imaze+, 21 kuko amato* y’umwami yaja i Tarushishi+ atwawe n’abantu ba Hiramu+. Rimwe mu myaka itatu, ayo mato y’i Tarushishi yaza yikoreye inzahabu, ifeza, amasenge+, inkende n’ibinyoni vyitwa tawusi*.

22 Umwami Salomo yarusha ubutunzi n’ubukerebutsi abandi bami bose bo kw’isi+. 23 Kandi abami bo kw’isi yose bararondera ingene bobonana na Salomo kugira bumve ubukerebutsi Imana y’ukuri yamuhaye+. 24 Buri mwaka, umwe wese mu baza kumuraba yaza amuzaniye ingabire: ibintu vy’ifeza, ivy’inzahabu, impuzu+, ibirwanisho, amavuta amota neza*, amafarasi n’indogobwa*. 25 Salomo yari afise impongore 4.000 z’amafarasi n’imikogote, hamwe n’amafarasi* 12.000+. Bimwe vyari mu bisagara abikamwo imikogote, ibindi bikaba i Yeruzalemu hafi y’aho yaba+. 26 Yaganza abami bose bari mu karere kava kuri rwa ruzi runini*, kagaca mu gihugu c’Abafilisitiya, kagashika ku rubibe rwa Misiri+. 27 Umwami Salomo yatumye ifeza zigwira nk’amabuye i Yeruzalemu, ibiti vy’amasederi na vyo bigwira nk’ibiti vy’imisukomora vyo mu karere ka Shefela+. 28 Hariho abazanira amafarasi Salomo bayakuye mu Misiri+ no mu bindi bihugu vyose.

29 Nayo ibisigaye ku vyerekeye Salomo+, kuva ku ntango gushika kw’iherezo, biranditswe mu vyavuzwe n’umuhanuzi Natani+, mu buhanuzi bwa Ahiya+ w’i Shilo no mu nyandiko z’ivyo umuhanuzi* Ido+ yeretswe ku vyerekeye Yerobowamu+ mwene Nebati. 30 Salomo yamaze imyaka 40 aganza Isirayeli yose ari i Yeruzalemu. 31 Maze Salomo arapfa*, bamuhamba mu gisagara ca Dawidi se wiwe+. Umuhungu wiwe Rehobowamu atangura kuganza mu kibanza ciwe+.

10 Rehobowamu aja i Shekemu+, kuko ari ho Abisirayeli bose bari bakoraniye ngo bamwimike+. 2 Yerobowamu+ mwene Nebati aravyumva. (Ico gihe yari akiri mu Misiri kuko yari yarahunze umwami Salomo+.) Akivyumva aca ava mu Misiri aragaruka. 3 Maze bamutumako. Nuko Yerobowamu n’Abisirayeli bose baza kwa Rehobowamu bamubwira bati: 4 «So yatwikoreje umutwaro utoroshe+. Niwaturemurura ibikorwa biruhisha so yadukoresha n’uwo mutwaro utoroshe* yatwikoreje, tuzoheza tugukorere.»

5 Na we ababwira ati: «Muzogaruke inyuma y’imisi itatu.» Baca baragenda+. 6 Maze umwami Rehobowamu agisha inama abagabo b’inararibonye* bari barakoreye se Salomo akiriho, ababwira ati: «Aba bantu mumpanuye ndabishure gute?» 7 Bamwishura bati: «Niwababera umuntu mwiza ukabashimisha, ukabishurana umutima mwiza, bazokwama bagukorera.»

8 Ariko yanka kwumvira impanuro abagabo b’inararibonye* bamuhaye, agisha inama imisore bakuranye yari isigaye imukorera+. 9 Ababaza ati: «Aba bantu bambwiye ngo ndabaremurure umutwaro dawe yabikoreje. None mumpanuye tubishure gute?» 10 Iyo misore bakuranye imwishura iti: «Abo bantu bakubwiye ngo ubaremurure umutwaro utoroshe so yabikoreje, uze ubabwire uti: “Urutoke rwanje rw’uruhererezi ruzoba runini kuruta amafyinga ya dawe. 11 Dawe yabikoreje umutwaro utoroshe, jeho nzorushiriza. Dawe yabahanisha ibimoko bisanzwe, jeho nzobahanisha ibimoko bibabaza cane*.”»

12 Ku musi ugira gatatu Yerobowamu n’abandi bose bagaruka ku mwami Rehobowamu, kuko yari yababwiye ati: «Muze mugaruke ku musi ugira gatatu+.» 13 Mugabo umwami Rehobowamu abishura abakarira cane, ntiyakurikiza impanuro abagabo b’inararibonye* bari bamuhaye. 14 Yakurikije impanuro ya misore yamuha, ababwira ati: «Nzobikoreza umutwaro uremereye gusumba, mbere ndushirize. Dawe yabahanisha ibimoko bisanzwe, jeho nzobahanisha ibimoko bibabaza cane.» 15 Nuko umwami yanka kwumviriza abantu, kuko Imana y’ukuri ari yo yashaka ko bigenda ukwo+. Kwari ukugira ngo ivyo Yehova yari yarabwiye Yerobowamu mwene Nebati biciye kuri Ahiya+ w’i Shilo biranguke.

16 Abisirayeli bose babonye yuko umwami yanse kubumviriza, bamwishura bati: «Mbega Dawidi hari ico duhuriyeko? Hari intoranwa tuzoronka kuri mwene Yese? Umwe wese niyisubirire ku mana ziwe yemwe Bisirayeli! Namwe abakomoka kuri Dawidi* musigare murimenya n’umuryango wanyu+!» Abisirayeli bose baca baritahira*+.

17 Mugabo Rehobowamu abandanya kuganza Abisirayeli baba mu bisagara vy’Ubuyuda+.

18 Mu nyuma umwami Rehobowamu arungika Hadoramu*+ ku Bisirayeli, akaba yari ahagarikiye abahamagariwe gukora ibikorwa vy’umwami. Mugabo Abisirayeli* bamutera amabuye, arapfa. Umwami Rehobowamu we, vyarakunze ko yurira mu mukogote wiwe, ahungira i Yeruzalemu+. 19 Abisirayeli babandanya kugarariza umuryango wa Dawidi gushika n’uyu musi.

11 Rehobowamu ashitse i Yeruzalemu, aca akoranya abo mu muryango wa Yuda n’abo mu muryango wa Benyamini+. Yakoranije abarwanyi 180.000 bamenyerejwe*, kugira barwanye Abisirayeli basubize ubwami Rehobowamu+. 2 Maze Yehova abwira Shemaya+ umuntu w’Imana y’ukuri ati: 3 «Bwira Rehobowamu mwene Salomo umwami w’Ubuyuda, ubwire n’Abisirayeli bose baba mu Buyuda no mu karere ka Benyamini uti: 4 “Yehova avuze ati: ‘Ntimuje kurwanya benewanyu. Umwe wese nasubire iwe kuko ari je natumye ibintu bigenda ukwo+.’”» Nuko bagamburukira Yehova basubira inyuma, ntibaja gutera Yerobowamu.

5 Rehobowamu aguma aba i Yeruzalemu maze yubaka ibisagara bikingijwe ibihome mu Buyuda. 6 Ibi ni vyo bisagara yasubiye kwubaka*: Betelehemu+, Etamu, Tekowa+, 7 Beti-Suri, Soko+, Adulamu+, 8 Gati+, Maresha, Zifu+, 9 Adorayimu, Lakishi+, Azeka+, 10 Zora, Ayaloni+ na Heburoni+. Ivyo vyari ibisagara bikingijwe ibihome vyari mu Buyuda no mu karere ka Benyamini. 11 Vyongeye, akomeza ibibanza bikingijwe ibihome maze abishiramwo abakomanda, abaho abaronsa ibifungurwa, amavuta n’umuvinyu. 12 Ibisagara bitandukanye vyose abironsa inkinzo zagutse n’amacumu, arabikomeza cane rwose. Abandanya kuganza Ubuyuda n’umuryango wa Benyamini.

13 Abaherezi n’Abalewi bo muri Isirayeli yose baza kumushigikira bavuye mu turere twose babamwo. 14 Abalewi barahevye ivyabo n’amatongo yabo yo kuragiramwo+ baza mu Buyuda n’i Yeruzalemu, kubera ko Yerobowamu n’abahungu biwe bari babakuye mw’ibanga ryo gukorera Yehova ari abaherezi+. 15 Yerobowamu yaciye yishiriraho abaherezi bakorera mu bibanza vyo gusengeramwo*+, bakayobora abantu mu gusenga ibigirwamana bimeze nk’impene*+ n’ibimeze nk’inyana yari yarakoze+. 16 Abantu bo mu miryango yose ya Isirayeli bafise umutima wo kurondera Yehova Imana ya Isirayeli, baciye bakurikira abaherezi n’Abalewi i Yeruzalemu kugira baze barashikanira ibimazi Yehova Imana ya ba sekuruza+. 17 Bamara imyaka itatu bakomeza ubwami bw’Ubuyuda bongera bashigikira Rehobowamu umuhungu wa Salomo. Bagumye bigana akarorero ka Dawidi na Salomo mu kiringo c’imyaka itatu.

18 Maze Rehobowamu arongora Mahalati umukobwa Yerimoti yavyaranye na Abihayili. Yerimoti yari umuhungu wa Dawidi, Abihayili na we akaba umukobwa wa Eliyabu+ mwene Yese. 19 Mu nyuma bavyarana aba bahungu: Yushi, Shemariya na Zahamu. 20 Inyuma y’uwo, Rehobowamu arongora Mayaka umwuzukuru wa Abusalomu+. Baraheza bavyarana Abiya+, Atayi, Ziza na Shelomiti. 21 Rehobowamu yakunda Mayaka umwuzukuru wa Abusalomu kuruta abandi bagore biwe bose n’incoreke ziwe+, kuko yarongoye abagore 18 n’incoreke 60. Yavyaye abahungu 28 n’abakobwa 60. 22 Nuko Rehobowamu atora Abiya umuhungu wa Mayaka amugira umukuru n’indongozi muri benewabo, kuko yipfuza kuzomugira umwami. 23 Ariko akorana ubwenge*, arungika* bamwe mu bahungu biwe mu turere dutandukanye two mu Buyuda n’utwo mu muryango wa Benyamini, baja mu bisagara vyose bikingijwe ibihome+. Abaha ibifungurwa vyinshi, abaronderera n’abagore benshi.

12 Ubwami bwa Rehobowamu bukimara gushinga imizi agakomera+, aheba amategeko ya Yehova+, na Isirayeli yose yifatanya na we. 2 Maze mu mwaka ugira gatanu umwami Rehobowamu aganza, Shishaki+ umwami wa Misiri aduga gutera Yeruzalemu kuko Abisirayeli bari bahemukiye Yehova. 3 Yari afise imikogote 1.200, abagendera ku mafarasi 60.000 n’ingabo zidaharurika yaje azanye avuye mu Misiri, zigizwe n’Abanyalibiya, Abasukimu n’Abanyetiyopiya+. 4 Nuko afata ibisagara bikingijwe ibihome vyo mu Buyuda, arateba ashika i Yeruzalemu.

5 Maze umuhanuzi Shemaya+ aza kuraba Rehobowamu n’abatware bo mu Buyuda bari bakoraniye i Yeruzalemu kubera batinya Shishaki. Ababwira ati: «Yehova avuze ati: “Mwebwe mwarampevye, nanje rero ndabahevye+ mutsindwe na Shishaki.”» 6 Abatware bo muri Isirayeli n’umwami baca bicisha bugufi+, bavuga bati: «Yehova akoze ibigororotse.» 7 Nuko Yehova abona ko bicishije bugufi. Yehova aca abwira Shemaya ati: «Kubera ko bicishije bugufi, sindabahonya+. Mu kanya gato ngira ndabakize. Yeruzalemu sindayisukako uburake bwanje biciye kuri Shishaki. 8 Mugabo azobaganza kugira ngo babone ubudasa hagati yo kuganzwa nanje no kuganzwa n’abami* b’ibindi bihugu.»

9 Nuko Shishaki umwami wa Misiri aduga gutera Yeruzalemu. Atwara amatungo yari mu nzu ya Yehova+ n’ayari mu nzu* y’umwami. Atwara ibintu vyose, harimwo na za nkinzo z’inzahabu Salomo yari yarakoze+. 10 Umwami Rehobowamu akora rero inkinzo z’umujumpu zisubirira izo z’inzahabu. Maze azizeza abakuru b’abarinzi* barinda ubwinjiriro bw’inzu y’umwami. 11 Igihe cose umwami yaba aje ku nzu ya Yehova, abo barinzi barinjira bakazitora, mu nyuma bakazisubiza mu cumba c’abarinzi. 12 Kubera ko umwami yicishije bugufi, ishavu Yehova yari amufitiye ryaciye rihwama+, ntiyabahonya ngo abaherengeteze+. Bisubiye, hari ivyiza Imana yabonye mu bantu bo mu Buyuda+.

13 Umwami Rehobowamu akomeza ubutegetsi bwiwe i Yeruzalemu, abandanya kuganza. Yari afise imyaka 41 igihe yatangura kuganza, amara imyaka 17 aganza i Yeruzalemu, igisagara Yehova yari yaratoye mu miryango yose ya Isirayeli kugira ngo citirirwe izina ryiwe. Nyina yari Umwamonikazi yitwa Nayama+. 14 Mugabo Rehobowamu akora ibibi, kuko atari yariyemeje mu mutima kurondera Yehova+.

15 Nayo ivyerekeye Rehobowamu, kuva ku ntango gushika kw’iherezo, biranditswe mu vyavuzwe n’umuhanuzi Shemaya+ be n’umuhanuzi Ido+ yavuga ivyo Imana yamweretse, bikaba biri mu nyandiko zivuga ivy’amamuko. Kandi hagati ya Rehobowamu na Yerobowamu hama intambara+. 16 Maze Rehobowamu arapfa hanyuma bamuhamba mu gisagara ca Dawidi+. Nuko umuhungu wiwe Abiya+ atangura kuganza mu kibanza ciwe.

13 Abiya yatanguye kuganza Ubuyuda mu mwaka ugira 18 umwami Yerobowamu aganza+. 2 Yamaze imyaka itatu aganza i Yeruzalemu. Nyina yitwa Mikaya+, akaba yari umukobwa wa Uriyeli w’i Gibeya+. Nuko haba intambara hagati ya Abiya na Yerobowamu+.

3 Maze Abiya aja ku rugamba afise abarwanyi b’intwari 400.000 bamenyerejwe*+. Yerobowamu na we atonda urugamba ngo amurwanye, ari kumwe n’abarwanyi b’intwari 800.000 bamenyerejwe*. 4 Abiya ahagarara rero ku musozi Zemarayimu, uri mu karere k’imisozi ka Efurayimu, avuga ati: «Ewe Yerobowamu namwe Bisirayeli mwese, nimunyumve. 5 Mbega ntimuzi ko Yehova Imana ya Isirayeli yahaye ubwami Dawidi biciye kw’isezerano ryamaho*+, ngo aganze Isirayeli ibihe vyose+ we n’abahungu biwe+? 6 Mugabo Yerobowamu+ mwene Nebati, umusuku wa Salomo mwene Dawidi, yarahagurukiye shebuja aramugarariza+. 7 Maze abagabo batagira ico bakora kandi b’imburakimazi batangura kuza baramwiyungako, barahava banesha Rehobowamu mwene Salomo. Ico gihe Rehobowamu yari akiri muto, ataragira umutima rugabo. Ntiyashoboye guhangana na bo.

8 Ubu na ho mwibaza ko mushobora kwihanga ubwami Yehova yahaye abahungu ba Dawidi ngo ni uko muri isinzi rinini, mukaba mufise n’inyana z’inzahabu Yerobowamu yabakoreye ngo muzisenge+? 9 Mbega ntimwirukanye abaherezi ba Yehova+ bakomoka kuri Aroni, mukirukana n’Abalewi? Ntimwaciye mwishiriraho abaherezi, mukigana abantu bo mu bindi bihugu+? Uwo wese yazana* ishuri n’impfizi z’intama indwi, yarashobora guca aba umuherezi w’imana zitari zo. 10 Tweho Yehova ni we Mana yacu+, kandi ntitwamuhevye. Abaherezi bacu bakomoka kuri Aroni. Ni bo bakorera Yehova bafashijwe n’Abalewi. 11 Barashikanira Yehova amashikanwa aturirwa agafumba umwotsi mu gitondo no ku mugoroba+, bakamushikanira n’imibavu imota neza+. Barashira imikate igerekeranye*+ ku meza ikozwe mu nzahabu itavanze, kandi buri mugoroba bakatsa amatara+ ari ku co bayaterekako c’inzahabu+. Ivyo tubigira kuko twitwararika ivyo Yehova Imana yacu yadusavye, mugabo mwebwe mwaramuhevye. 12 Iyumvire gatoyi: Imana y’ukuri iri kumwe natwe kugira ituyobore. Turi kumwe kandi n’abaherezi bayo bavuza inzumbete mu gutanga ikimenyetso c’urugamba rwo kubarwanya. Yemwe Bisirayeli, ntimurwanye Yehova Imana ya ba sogokuruza banyu, kuko mutaza gutsinda+.»

13 Ariko Yerobowamu arungika abasoda kwinyegeza ngo baturuke inyuma abo mu Buyuda. Izindi ngabo ziwe ziguma imbere yabo, ba basoda bagiye kwinyegeza na bo baguma inyuma. 14 Abasoda b’Ubuyuda bagize ngo barahindukira, baza babona igitero kizananye imbere n’inyuma. Nuko batangura kuririra Yehova+, abaherezi na bo bavuza inzumbete n’ijwi rirenga. 15 Abasoda b’Ubuyuda baca biha akaruru k’intambara. Ako kanya Imana y’ukuri ica ituma Yerobowamu n’Abisirayeli bose batsindwa na Abiya n’abo mu Buyuda. 16 Nuko Abisirayeli bahunga abo mu Buyuda, Imana ibafasha kubatsinda. 17 Abiya n’abasoda biwe bica ingabo nyinshi z’Abisirayeli. Baguma babica ku buryo hapfa abasoda 500.000 bamenyerejwe*. 18 Kuri uwo musi, abasoda ba Isirayeli bacishwa bugufi, mugabo ab’Ubuyuda baba ari bo batsinda kubera ko bizigiye* Yehova Imana ya ba sekuruza+. 19 Abiya aguma yiruka kuri Yerobowamu, amutwara ibi bisagara: Beteli+ n’udusagara tuhegukira*, Yeshana n’udusagara tuhegukira na Efurayini+ n’udusagara tuhegukira. 20 Yerobowamu ntiyasubira gukomera mu gihe c’intwaro ya Abiya. Maze Yehova aramuhana arapfa+.

21 Mugabo Abiya arushiriza gukomera. Arahava yabira abagore 14+, avyara abahungu 22 n’abakobwa 16. 22 Nayo ibisigaye ku vyerekeye Abiya, ni ukuvuga ivyo yakoze n’ivyo yavuze, biravugwa mu vyo umuhanuzi Ido yanditse*+.

14 Maze Abiya arapfa, bamuhamba mu gisagara ca Dawidi+. Umuhungu wiwe Asa aca atangura kuganza mu kibanza ciwe. Ku ntwaro yiwe, igihugu camaze imyaka cumi kiri mu mahoro*.

2 Asa yakoze ivyo Yehova Imana yiwe abona ko ari vyiza kandi bigororotse. 3 Yarakuyeho ibicaniro vy’imana z’inyamahanga+ n’ibibanza vyo gusengeramwo ibigirwamana*, amenagura inkingi nyeranda z’amabuye+, yicira n’inkingi nyeranda z’ibiti*+. 4 Vyongeye, abwira abo mu Buyuda ngo barondere Yehova Imana ya ba sekuruza, bongere bakurikize amategeko yiwe n’amabwirizwa yiwe. 5 Mu bisagara vyose vyo mu Buyuda akuraho ibibanza vyo gusengeramwo ibigirwamana* n’ibicaniro baturirirako imibavu+. Ku ntwaro yiwe, ubwami bwagumye butekanye. 6 Yubaka ibisagara bikingijwe ibihome mu Buyuda+ kubera ko mu gihugu hari umutekano. Muri iyo myaka nta baje kumutera kuko Yehova yamuhaye amahoro*+. 7 Yabwiye abo mu Buyuda ati: «Twubake ibi bisagara maze tubikikuze inzitiro n’iminara+, amarembo* n’ivyugazo. Igihugu kiracari mu minwe yacu kuko twarondeye Yehova Imana yacu. Twaramurondeye, na we aduha amahoro* impande zose.» Nuko barubaka, bigenda neza+.

8 Asa yari afise abasoda 300.000 bava mu Buyuda, bitwaza inkinzo zagutse n’amacumu. Yari afise n’abarwanyi b’intwari 280.000 bava mu karere ka Benyamini, bitwaza inkinzo ntonto* kandi bazi gukoresha umuheto*+.

9 Mu nyuma Umunyetiyopiya yitwa Zera aza kubatera ari kumwe n’abasoda 1.000.000 n’imikogote 300+. Bageze i Maresha+, 10 Asa aja kumurwanya. Maze batonda urugamba mu mubande wa Zefata, aho i Maresha. 11 Asa aca atabaza Yehova Imana yiwe+ ati: «Ewe Yehova, urashoboye gutabara abantu, baba bafise inkomezi* canke badafise inkomezi+. Ewe Yehova Mana yacu, dufashe kuko ari wewe twizigiye*+, kandi tuje kurwanya iri sinzi mw’izina ryawe+. Yehova, uri Imana yacu. Umuntu buntu ntakurushe inkomezi+.»

12 Maze Yehova atuma Abanyetiyopiya batsindwa na Asa n’ingabo z’Ubuyuda, barata barahunga+. 13 Asa n’ingabo ziwe barabakurikira gushika i Gerari+. Bagenda barabica gushika aho ata Munyetiyopiya n’umwe asigara ari muzima, kuko Yehova n’ingabo ziwe babishe barabageseza. Maze ingabo z’Ubuyuda zisahura ibintu vyinshi cane. 14 Izo ngabo zitera n’ibisagara vyose vyo mu micungararo ya Gerari, kuko abaho bari batekewe n’ubwoba buvuye kuri Yehova. Ziraheza zisahura ivyo bisagara vyose kuko hariyo ibintu vyinshi vyo gusahura. 15 Zitera n’amahema y’abantu bafise ibitungwa, zinyaga amasho menshi n’ingamiya, hanyuma zisubira i Yeruzalemu.

15 Maze impwemu y’Imana iza kuri Azariya mwene Odedi. 2 Nuko aja guhura na Asa amubwira ati: «Ewe Asa namwe mwese bo mu muryango wa Yuda n’uwa Benyamini, nimunyumvirize. Yehova nimwamugumako na we azobagumako+, kandi nimwamurondera muzomuronka*+. Mugabo nimwamuheba azobaheba+. 3 Abisirayeli bamaze igihe kirekire* badakorera Imana y’ukuri, batigishwa n’abaherezi, badakurikiza n’amategeko+. 4 Mugabo igihe bari mu marushwa, bararondeye Yehova Imana ya Isirayeli baramuronka*+. 5 Muri ivyo bihe nta washobora gufata urugendo ngo ashike amahoro*, kuko hari imidurumbanyo myinshi mu mihingo yose y’igihugu. 6 Ihanga ryarasambura irindi, igisagara kigasambura ikindi, kuko Imana yabateza amarushwa y’ubwoko bwose, bigatuma haba imivurungano+. 7 Ariko mwebwe nimukomere ntimucike intege*+, kuko muzoronka impera ku gikorwa canyu.»

8 Asa akimara kwumva ayo majambo n’ubuhanuzi bw’umuhanuzi Odedi, agira umutima rugabo. Maze akuraho ibigirwamana bisesemye mu karere kose k’Ubuyuda+ n’aka Benyamini, no mu bisagara yari yarafashe mu karere k’imisozi ka Efurayimu. Asanura n’igicaniro ca Yehova cari imbere y’ibaraza rya Yehova+. 9 Maze akoraniriza hamwe abantu bose bo mu muryango wa Yuda n’uwa Benyamini, n’abanyamahanga bifatanije na bo bavuye mu karere ka Efurayimu, aka Manase n’aka Simeyoni+. Abo banyamahanga bavuye muri Isirayeli bomokera iwe ari benshi, aho baboneye ko Yehova Imana yiwe ari kumwe na we. 10 Bakoranira i Yeruzalemu mu kwezi kugira gatatu, mu mwaka ugira 15 Asa ari umwami. 11 Kuri uwo musi, bashikanira Yehova ibimazi bakuye ku vyo basahuye. Bamushikaniye inka 700 n’intama 7.000. 12 Vyongeye, bagira isezerano ryo kurondera Yehova Imana ya ba sekuruza n’umutima wabo wose n’ubuzima bwabo bwose+. 13 Bemeranya ko uwo wese atazorondera Yehova Imana ya Isirayeli azokwicwa, yaba umuto canke uwuhambaye, yaba umugabo canke umugore+. 14 Nuko barahira imbere ya Yehova n’ijwi rirenga, bavuza impundu bongera bavuza inzumbete n’inzamba. 15 Abo mu Buyuda bose baranezerwa kubera iyo ndahiro, kuko bari barahiye n’umutima wabo wose. Bararondeye Yehova n’umwete baramuronka*+, na we aguma abaha amahoro* impande zose+.

16 Umwami Asa yaranakuye inakuru Mayaka+ mu kibanza co kuba umugabekazi*, kuko yari yarakoze ikigirwamana giteye isoni yakoresha mu gusenga inkingi nyeranda y’igiti*+. Ico kigirwamana giteye isoni Asa yaragisituye, aragisya, maze agituririra mu mwonga Kidironi+. 17 Mugabo ibibanza vyo gusengeramwo* ntivyakuweho+ muri Isirayeli+. Naho ari ukwo, Asa yagumye akorera Imana n’umutima wiwe wose*, mu buzima bwiwe* bwose+. 18 Yarazanye mu nzu y’Imana y’ukuri ibintu se yari yareguriye Imana n’ivyo we ubwiwe yeguriye Imana: uri ifeza, inzahabu n’ibindi bikoresho+. 19 Nta ntambara yasubiye kuba gushika mu mwaka ugira 35 Asa ari umwami+.

16 Mu mwaka ugira 36 Asa ari umwami, Bayasha+ umwami wa Isirayeli aza gutera Ubuyuda, maze yubaka* igisagara ca Rama+ kugira ngo ntihagire uwuva canke uwuja* mu karere Asa umwami w’Ubuyuda yatwara+. 2 Asa aca atora ifeza n’inzahabu mu bubiko bw’itunga ry’inzu ya Yehova+ no mu bubiko bw’itunga ry’inzu* y’umwami, abirungikira Beni-Hadadi umwami wa Siriya+ yaba i Damasiko. Amubwira ati: 3 «Twe nawe dufitaniye amasezerano nk’uko dawe na so bari bafitaniye amasezerano. Ehe raba nkurungikiye ifeza n’inzahabu. Ndagusavye rero uhagarike amasezerano ufitaniye na Bayasha umwami wa Isirayeli, ndabe ko yomvira mu karere.»

4 Nuko Beni-Hadadi yemera ivyo umwami Asa amusavye, arungika abakuru b’ingabo ziwe gutera ibisagara vyo muri Isirayeli. Bafata ahitwa Iyoni+, Dani+, Abeli-Mayimu, bafata n’ibibanza vyose vyo kubikamwo ibintu vyari mu bisagara vyo mu karere ka Nafutali+. 5 Bayasha akivyumva, aca areka kwubaka* igisagara ca Rama, aheba ivyo yariko arakorerayo. 6 Umwami Asa ni kwo guca ahitana abo mu Buyuda bose, maze baseha amabuye n’ibiti Bayasha yariko yubakisha igisagara ca Rama+. Asa aca avyubakisha* igisagara ca Geba+ n’ica Mizipa+.

7 Ico gihe umuntu yitwa Hanani+ yahishurirwa n’Imana, aza kuraba Asa umwami w’Ubuyuda, amubwira ati: «Kubera ko wizigiye* umwami wa Siriya aho kwizigira* Yehova Imana yawe, vyatumye ingabo z’umwami wa Siriya ziguca mu myanya y’intoke+. 8 Mbega ingabo z’Abanyetiyopiya n’Abanyalibiya ntizaje kugutera ari nyinshi cane, zifise imikogote myinshi n’abagendera ku mafarasi? Mugabo kubera ko wizigiye Yehova, yaragufashije urabatsinda+. 9 Erega amaso ya Yehova anyuragira mw’isi yose+ kugira ngo yerekane inkomezi ziwe mu gufasha* abamwumirako n’umutima wabo wose*+. Ico kintu wakoze ni ic’ubupfu. Kuva ubu uzokwama uri mu ntambara+.»

10 Ariko Asa ashavurira uwo muntu yahishurirwa n’Imana, aca amuta mw’ibohero*. Yabigize kubera ko yashavujwe cane n’ivyo amubwiye. Muri ico kiringo nyene, Asa atangura gukandamiza n’abandi banyagihugu. 11 Nayo ivyerekeye Asa, kuva ku ntango gushika kw’iherezo, vyanditswe mu Gitabu c’abami b’Ubuyuda n’aba Isirayeli+.

12 Mu mwaka ugira 39 Asa ari umwami, afatwa n’indwara mu birenge gushika aho aremba. N’ico gihe yari arwaye, ntiyituye Yehova ahubwo yituye abavuzi. 13 Maze Asa arapfa+. Hari mu mwaka ugira 41 ari umwami. 14 Nuko bamuhamba mu mva yiwe ihambaye yari yarimbishije mu gisagara ca Dawidi+. Bamuryamitse ku buriri bwuzuyeko amavuta amota neza* n’ayandi mavuta adasanzwe bakoze mu kuvanga ibintu vy’ubwoko butandukanye+. Baraheza bacana umuriro udasanzwe ku maziko yiwe kugira bamutere iteka*.

17 Umuhungu wiwe Yehoshafati+ atangura kuganza mu kibanza ciwe, araheza akomeza ubutegetsi bwiwe muri Isirayeli. 2 Ashira abasoda mu bisagara vyose vyo mu Buyuda bikingijwe ibihome, ashira n’ibirindiro mu Buyuda no mu bisagara vyo mu karere ka Efurayimu se Asa yari yarafashe+. 3 Yehova agumana na Yehoshafati kuko yakurikira akarorero* ka sekuruza Dawidi+, ntakurikire za Bayali. 4 Yararondera Imana ya se+ agakurikiza amabwirizwa yayo*, ntakore nk’ivyo Abisirayeli bakora+. 5 Yehova abandanya gukomeza ubwami+ bwa Yehoshafati. Abo mu Buyuda bose baguma bamuzanira ingabire. Nuko aratunga cane agira n’icubahiro cinshi+. 6 Yehoshafati agira umutima rugabo agendera mu nzira za Yehova, atako akura mu Buyuda ibibanza vyo gusengeramwo*+ n’inkingi nyeranda z’ibiti*+.

7 Mu mwaka ugira gatatu ari umwami, atumako abatware biwe ari bo Beni-Hayili, Obadiya, Zakariya, Netaneli na Mikaya kugira ngo bigishe mu bisagara vyo mu Buyuda. 8 Bari kumwe n’aba Balewi: Shemaya, Netaniya, Zebadiya, Asaheli, Shemiramoti, Yehonatani, Adoniya, Tobiya na Tobi-Adoniya. Bari kumwe kandi n’abaherezi Elishama na Yehoramu+. 9 Batora igitabu c’amategeko ya Yehova+ batangura kwigisha mu Buyuda. Baraheza bazunguruka mu bisagara vyose vy’Ubuyuda bigisha abantu.

10 Maze ubwami bwose bwo mu bihugu bikikuje Ubuyuda butekerwa n’ubwoba buvuye kuri Yehova, ntibwatera Yehoshafati. 11 Abafilisitiya bama bazanira Yehoshafati ikori* ry’amahera n’ingabire. Abarabu na bo bamuzanira impfizi z’intama 7.700 n’amasuguru y’impene 7.700 babikuye mu masho yabo.

12 Yehoshafati aguma arushiriza gukomera+. Abandanya kwubaka mu Buyuda ibibanza bikingijwe ibihome+ n’ibisagara vyo kubikamwo ibintu+. 13 Akora ibintu vyinshi mu bisagara vy’Ubuyuda. Yari afise abasoda i Yeruzalemu, bakaba bari abarwanyi b’intwari. 14 Babagabuye hakurikijwe imigwi mikurumikuru igize imiryango bavamwo. Mu muryango wa Yuda hari abakuru batwara imigwi y’abantu 1.000. Umukuru yari Aduna, akaba yatwara abarwanyi b’intwari 300.000+. 15 Yagaba umukuru yitwa Yehohanani. Yehohanani yatwara abarwanyi 280.000. 16 Yagaba kandi Amasiya mwene Zikiri. Amasiya yaritanze ngo akorere Yehova, akaba yatwara abarwanyi b’intwari 200.000. 17 Mu muryango wa Benyamini+ hari umurwanyi w’intwari yitwa Eliyada. Yatwara abarwanyi 200.000 bitwaza inkinzo n’imiheto+. 18 Yagaba Yehozabadi. Yehozabadi yatwara abarwanyi 180.000 bafise ibirwanisho vy’intambara. 19 Abo bakorera umwami, hampande y’abo umwami yashize mu bisagara bikingijwe ibihome mu Buyuda hose+.

18 Yehoshafati yari atunze cane, afise n’icubahiro cinshi+, mugabo yunga ubucuti na Ahabu+ mu guhana umugeni. 2 Haciye imyaka, amanuka i Samariya kuraba Ahabu+. Ahabu abaga intama nyinshi n’inka nyinshi, abitangako ikimazi ku bwa Yehoshafati n’abari kumwe na we. Aca aramwinginga* ngo bajane gutera igisagara ca Ramoti-Gileyadi+. 3 Maze Ahabu umwami wa Isirayeli abwira Yehoshafati umwami w’Ubuyuda ati: «None uzojana nanje i Ramoti-Gileyadi?» Na we amwishura ati: «Erega turi bamwe. Kandi abasoda bawe n’abasoda banje ni bamwe. Tuzogushigikira mu ntambara.»

4 Ariko Yehoshafati abwira umwami wa Isirayeli ati: «Ndagusavye ubanze ubaze Yehova+.» 5 Maze umwami wa Isirayeli akoraniriza hamwe abahanuzi. Bari abagabo 400. Ababaza ati: «Tuje gutera i Ramoti-Gileyadi canke ndeke?» Bamwishura bati: «Genda kandi Imana y’ukuri iragufasha kuhatsinda, mwami.»

6 Yehoshafati aca avuga ati: «Mbega hano nta muhanuzi wa Yehova ahari+? Reka na we tumubaze twumve ico Imana ivuga+.» 7 Umwami wa Isirayeli aca abwira Yehoshafati ati: «Haracariho uwundi mugabo+ yotubariza Yehova. Mugabo ndamwanka kuko atigera avuga ko hari ivyiza bizonshikira, yama amvugako ibibi+. Ni Mikaya mwene Imula.» Ariko Yehoshafati avuga ati: «Sigaho mwami, reka kuvuga gutyo.»

8 Umwami wa Isirayeli aca ahamagara umukozi wo ku kirimba maze amubwira ati: «Nyaruka uzane Mikaya mwene Imula+.» 9 Umwami wa Isirayeli na Yehoshafati umwami w’Ubuyuda bari bicaye ku ntebe z’ubwami, bambaye impuzu za cami. Bari bicaye ku mbuga* iri hafi y’irembo rya Samariya. Abahanuzi bose bari imbere yabo bariko bavuga ubuhanuzi. 10 Maze Zedekiya mwene Kenayana akora amahembe y’icuma hanyuma avuga ati: «Yehova avuze ati: “Aya ni yo uzokoresha mu gucumita* Abasiriya gushika ubahoneje.”» 11 N’abandi bahanuzi bose bariko bavuga nk’ukwo nyene bati: «Genda i Ramoti-Gileyadi kandi uratahukana intsinzi+. Yehova aragufasha gutsinda ico gisagara, mwami.»

12 Wa muntu yari yatumwe guhamagara Mikaya amubwira ati: «Umviriza, abahanuzi bose bariko babwira umwami ivyiza. Ndagusavye nawe uvuge ivyiza nka bo+.» 13 Mugabo Mikaya avuga ati: «Ndakurahiye Yehova Imana nzima, ivyo Imana yanje ivuga ni vyo nza kuvuga+.» 14 Maze ashitse imbere y’umwami, umwami amubaza ati: «Mikaya, tuje gutera i Ramoti-Gileyadi canke ndeke?» Aca amwishura ati: «Genda kandi urahatsinda. Imana irabafasha kubatsinda.» 15 Umwami aca amubwira ati: «Nirirwe ndakurahiza kangahe ngo umbwize ukuri mw’izina rya Yehova aho kumpenda?» 16 Na we avuga ati: «Mbona Abisirayeli bose basanzaye ku misozi nk’intama zitagira umwungere+. Yehova yavuze ati: “Nta shebuja bagifise. Umwe wese niyisubirire iwe amahoro.”»

17 Umwami wa Isirayeli aca abwira Yehoshafati ati: «Sinari nakubwiye ko ata vyiza aza kuvuga ku binyerekeye, ahubwo ko aza kuvuga ibibi gusa+?»

18 Mikaya yongera kuvuga ati: «Niwumve rero ubutumwa buvuye kuri Yehova. Nabonye Yehova yicaye ku ntebe yiwe y’ubwami+, ingabo zose zo mw’ijuru+ zimuhagaze iburyo n’ibubamfu+. 19 Maze Yehova avuga ati: “Ni nde aza guhenda Ahabu umwami wa Isirayeli ngo aje i Ramoti-Gileyadi apfireyo?” Umwe atangura kuvuga uku, uwundi uku. 20 Haca haza umumarayika*+, ahagarara imbere ya Yehova, avuga ati: “Jewe ndamuhenda.” Yehova aca amubaza ati: “Ubigenza gute?” 21 Na we ati: “Ndagenda nkorere mu bahanuzi biwe bose, ntume bavuga ibinyoma*.” Amwishura ati: “Uraza kumuhenda kandi birakunda. Genda ugire gutyo.” 22 Yehova rero yatumye abahanuzi bawe bavuga ibinyoma*+, ariko vy’ukuri Yehova yafashe ingingo yo kuguteza ivyago.»

23 Zedekiya+ mwene Kenayana aca yegera Mikaya+ amukubita kw’itama+ maze avuga ati: «Ushatse kuvuga ko impwemu ya Yehova yamvuyeko ikaza kuvugana nawe? Yoba yaciye hehe+?» 24 Mikaya aca amwishura ati: «Uzomenya aho yaciye umusi uzoja kwinyegeza mu cumba kiri ahantu hihishije.» 25 Maze umwami wa Isirayeli avuga ati: «Nimufate Mikaya mumujane, mumushikirize Amoni umukuru w’igisagara na Yowasi umuhungu w’umwami. 26 Mubabwire muti: “Umwami avuze ati: ‘Nimushire uyu mugabo mw’ibohero+, mumuhe ivyo kurya* n’amazi vy’inticantikize gushika ngarutse amahoro.’”» 27 Mugabo Mikaya avuga ati: «Niwaramuka ugarutse amahoro, Yehova azoba atavuganye nanje+.» Aca yongerako ati: «Yemwe bantu mwese, nimuvyumve.»

28 Nuko umwami wa Isirayeli na Yehoshafati umwami w’Ubuyuda baja i Ramoti-Gileyadi+. 29 Umwami wa Isirayeli abwira rero Yehoshafati ati: «Ngira nambare izindi mpuzu niyoberanye maze nje mu rugamba, mugabo wewe wambare impuzu zawe za cami.» Nuko umwami wa Isirayeli ariyoberanya, baraheza baja mu rugamba. 30 Umwami wa Siriya yari yategetse abakuru bajejwe abarwanira ku mikogote yiwe ati: «Ntihagire umusoda n’umwe murwanya, yaba mutoyi canke uwuhambaye. Murwanye umwami wa Isirayeli wenyene.» 31 Abo bakuru bakibona Yehoshafati, bibwira bati: «Umwami wa Isirayeli ni uyu.» Baca baja kumurwanya. Yehoshafati aca atangura gutabaza+, maze Yehova Imana aramufasha, abigiza kure yiwe. 32 Abo bakuru babonye yuko atari umwami wa Isirayeli, ubwo nyene baca bareka kumukurikira.

33 Ariko umugabo umwe apfa kurasa umwampi, asanga yagemye umwami wa Isirayeli aho ibice vy’ikoti y’ivyuma yari yambaye bihurira. Umwami aca abwira uwutwara umukogote wiwe ati: «Hindukiza umukogote mve mu rugamba* kuko nakomeretse cane+.» 34 Kuri uwo musi urugamba rurakomera, biba ngombwa ko umwami wa Isirayeli bamushigikira kugira agume ahagaze mu mukogote, araba Abasiriya gushika ku mugoroba. Izuba rirenze, yaciye apfa+.

19 Maze Yehoshafati umwami w’Ubuyuda agaruka amahoro+ iwe* i Yeruzalemu. 2 Nuko Yehu+ mwene Hanani+ wa muhanuzi yavuga ivyo Imana yamweretse, aja guhura n’umwami Yehoshafati, amubwira ati: «Mbega umubisha ni we ukwiye gutabara+? Abanka Yehova ni bo ukwiye gukunda+? Ko wakoze ivyo, utumye Yehova agushavurira. 3 Mugabo hari ibintu vyiza Imana yakubonyemwo+, kuko wakuye mu gihugu inkingi nyeranda z’ibiti* kandi ugategura umutima wawe kugira urondere* Imana y’ukuri+.»

4 Yehoshafati abandanya kuba i Yeruzalemu. Yongera kugendera abanyagihugu kuva i Beri-Sheba gushika mu karere k’imisozi ka Efurayimu+, kugira ngo abafashe kugaruka kuri Yehova Imana ya ba sekuruza+. 5 Agena n’abacamanza hirya no hino mu gihugu, mu gisagara cose+ gikingijwe ibihome co mu Buyuda. 6 Maze abwira abo bacamanza ati: «Muraba maso ku vyo mukora kuko mu guca imanza mudakorera abantu, ahubwo mukorera Yehova. Azoba ari kumwe namwe igihe muca imanza+. 7 Muze rero mutinye Yehova+. Muriyubara mu vyo mukora, kuko Yehova Imana yacu atarenganya+, atagira nkunzi+ kandi atarya igiturire+.»

8 I Yeruzalemu na ho nyene hari Abalewi n’abaherezi Yehoshafati yagenye be n’abakuru bamwebamwe b’imigwi mikurumikuru igize imiryango ya Isirayeli, ngo bace imanza mw’izina rya Yehova bongere batunganirize ababa i Yeruzalemu+. 9 Abategeka ati: «Kugira mwerekane ko mutinya Yehova, ko muri abizigirwa kandi ko mukorana umutima wanyu wose*, ng’uku uko muzobigenza: 10 benewanyu bo mu bindi bisagara nibabatura amatati ajanye n’uwasheshe amaraso+ canke ikibazo kijanye n’itegeko, ibwirizwa, ivyagezwe canke ingingo zashinzwe, muze mubaburire kugira ntibaharurweko icaha imbere ya Yehova. Ahandiho yohava abashavurira mwe na benewanyu. Ukwo ni ko muzokora kugira ngo ntimuharurweko icaha. 11 Ng’uyu Amariya umukuru w’abaherezi. Azobafasha mu bibazo vyose biraba Yehova+. Zebadiya mwene Ishimayeli ni we mukuru w’umuryango wa Yuda ajejwe ibibazo vyose biraba umwami. Abalewi na bo bazobunganira mu gikorwa canyu. Nimukomere rero mukore, maze Yehova abane n’abakora iciza*+.»

20 Mu nyuma, Abanyamowabu+, Abamoni+ na bamwe mu Bamonimu* baza gutera Yehoshafati. 2 Nuko Yehoshafati amenyeshwa ko hari isinzi rinini rije kumutera rivuye mu karere k’ikiyaga*, muri Edomu+, rikaba rigeze i Hazazoni-Tamari, ari ho Eni-Gedi+. 3 Yehoshafati aca aratinya maze yiyemeza kurondera* Yehova+. Aca atangaza ko haba umusi wo kwisonzesha mu Buyuda hose. 4 Nuko abo mu Buyuda bakoranira hamwe kugira ngo basiguze Yehova+. Baje bavuye mu bisagara vyose vy’Ubuyuda bazanywe no guhanuza Yehova.

5 Maze Yehoshafati ahagarara imbere y’ishengero ry’ababa mu Buyuda n’i Yeruzalemu ryari mu kigo gishasha mu nzu ya Yehova, 6 avuga ati:

«Ewe Yehova Mana ya ba sogokuruza bacu, ni wewe wenyene uri Imana mw’ijuru+. None si wewe uganza ubwami bwose bw’amahanga+? Mu kuboko kwawe huzuye ububasha n’inkomezi kandi nta n’umwe yoguhangara+. 7 Mana yacu, mbega si wewe wirukanye ababa muri iki gihugu bakabisa abantu bawe b’Abisirayeli? Waciye ugiha uruvyaro* rw’umugenzi wawe Aburahamu+ ngo kibabere intoranwa ibihe vyose. 8 Baciye bakibamwo maze bacubakamwo ahantu heranda hitirirwa izina ryawe+, bavuga bati: 9 “Icago nicatuzako, caba gitewe n’inkota, urubanza twaciriwe, ikiza canke inzara, tuzohagarara imbere y’iyi nzu n’imbere yawe (kuko iyi nzu yitirirwa izina ryawe+), tugutabaze mu marushwa yacu. Uze utwumve maze udukize+.” 10 Ehe dutewe n’Abamoni, Abanyamowabu n’abo mu karere k’imisozi ka Seyiri+. Warabujije Abisirayeli gutera ayo mahanga igihe bava mu gihugu ca Misiri. Bayaciye kure ntibayazimanganya+. 11 None raba ivyo batwishuye. Baje kutwomora mu ntoranwa watwihereye+. 12 Ewe Mana yacu, none ntiwobacira urubanza ukabahana+? Twebwe nta co twishoboje imbere y’iri sinzi rinini rije kudutera kandi ntituzi ico twokora+. Ni wewe duhanze amaso+.»

13 Aho hose, abantu bose bo mu Buyuda bari bahagaze imbere ya Yehova bari kumwe n’abagore babo n’abana* babo, mbere n’utwana dutoyi.

14 Maze aho nyene mw’ishengero, impwemu ya Yehova iza kuri Yahaziyeli mwene Zakariya, Zakariya wa Benaya, Benaya wa Yeyeli, Yeyeli wa Mataniya. Yari Umulewi wo muri bene Asafu. 15 Avuga ati: «Yemwe ababa mu Buyuda mwese n’i Yeruzalemu, nawe mwami Yehoshafati, nimwumvirize! Yehova ababwiye ati: “Ntimutinye canke ngo muranduke umutima kubera iryo sinzi rinini kuko urugamba atari urwanyu, ahubwo ari urw’Imana+. 16 Ejo muzomanuke kubatera. Bazoza bazananye akayira kitwa Zizi. Muzobasanga ku mpera y’umwonga aharabana n’ubugaragwa bwa Yeruweli. 17 Ntimuzorinda kurwana. Muze muje mu kibanza canyu, mwihagararire gusa+ maze mwirabire ingene Yehova abakiza*+. Yemwe abo mu Buyuda n’i Yeruzalemu, ntimutinye canke ngo muranduke umutima+. Ejo muze muje kubatera, kandi Yehova azoba ari kumwe namwe+.”»

18 Yehoshafati aca arunama mu maso hashika hasi. Ababa mu Buyuda bose n’i Yeruzalemu na bo nyene barunama imbere ya Yehova bashika hasi, maze basenga Yehova. 19 Maze Abalewi bakomoka kuri Kohati+ no kuri Kora bava hasi bashemeza Yehova Imana ya Isirayeli n’ijwi rirenga cane+.

20 Nuko bakoroka kare mu gitondo, maze baja mu bugaragwa bwa Tekowa+. Bariko baragenda, Yehoshafati ahagarara imbere yabo, ababwira ati: «Nimunyumve yemwe ababa mu Buyuda n’i Yeruzalemu! Nimwizere Yehova Imana yanyu kugira ngo mugume mutekanye*. Nimwizere abahanuzi biwe+ muheze muroranirwe.»

21 Amaze kuja inama n’abantu, aca agena abo kuririmbira+ Yehova no kumushemeza bambaye impuzu nyeranda. Bari kugendera imbere y’abafise ibirwanisho baririmba bati: «Nimukengurukire Yehova, kuko urukundo* rwiwe rwamaho ibihe vyose+.»

22 Aho batanguriye kuririmba amashemezo banezerewe, Yehova aca arungika igitero mu Bamoni, Abanyamowabu n’abo mu karere k’imisozi ya Seyiri bari baje gutera Ubuyuda, baterwa batiteguye. Umwe wese aca yica mugenziwe+. 23 Nuko Abamoni n’Abanyamowabu bahindukirira abo mu karere k’imisozi ka Seyiri+ barabatikiza, barabazimanganya. Bakimara kwica ababa i Seyiri, na bo baca batangura kwicana+.

24 Abo mu Buyuda bashitse ku munara w’inderetsi uri mu bugaragwa+ bakaraba aho iryo sinzi ryari, babona ni imivyimba gusa irambaraye hasi+. Nta n’umwe yari yarokotse. 25 Nuko Yehoshafati n’abantu biwe baza gusahura izo ngabo, basanga hari umuyoro w’ibintu: uri amatungo, ivyambarwa n’ibindi bintu vy’agaciro. Batangura kubiseha gushika aho bibananira gutwara+. Bamaze imisi itatu basahura kuko vyari vyinshi cane. 26 Ku musi ugira kane bakoranira mu kiyaya ca Beraka, bashemeza* Yehova. Ni co gituma aho hantu hiswe ikiyaya ca Beraka*+ gushika n’uyu musi.

27 Nuko abagabo bose bo mu Buyuda n’i Yeruzalemu basubira i Yeruzalemu barongowe na Yehoshafati. Basubiyeyo banezerewe kuko Yehova yari yatumye banezerwa mu kubafasha gutsinda abansi babo+. 28 Binjira i Yeruzalemu bavuza ibicurarangisho vy’imirya, inanga+ n’inzumbete+, maze baja ku nzu ya Yehova+. 29 Nuko abantu bo mu bwami bwose bwo mu bindi bihugu bagira ubwoba buvuye kuri Yehova Imana, aho bamariye kwumva ingene yarwanije abansi ba Isirayeli+. 30 Ntihagira igisubira kudurumbanya ubwami bwa Yehoshafati. Imana yiwe ibandanya kumuha amahoro* impande zose+.

31 Yehoshafati abandanya kuganza Ubuyuda. Yabaye umwami afise imyaka 35, amara imyaka 25 aganza i Yeruzalemu. Nyina yitwa Azuba, akaba yari umukobwa wa Shilihi+. 32 Aguma akurikira akarorero ka se Asa+ adaca ku ruhande, akora ivyo Yehova abona ko bigororotse+. 33 Mugabo ibibanza vyo gusengeramwo* ntivyakuweho+, kandi abantu ntibari bwategure umutima wabo ngo barondere Imana ya ba sekuruza+.

34 Nayo ibisigaye ku vyerekeye Yehoshafati, kuva ku ntango gushika kw’iherezo, biranditswe mu vyavuzwe na Yehu+ mwene Hanani+. Biri mu Gitabu c’abami ba Isirayeli. 35 Inyuma y’ivyo, Yehoshafati umwami w’Ubuyuda agirana amasezerano na Ahaziya umwami wa Isirayeli yakora ivy’ububisha+. 36 Yifatanya na we mu gukora amato* aja i Tarushishi+, bayakorera i Eziyoni-Geberi+. 37 Ariko Eliyezeri mwene Dodavahu w’i Maresha avuga ubuhanuzi bwo kuburira Yehoshafati ati: «Ko wagiranye amasezerano na Ahaziya, Yehova azosambura ivyo wakoze+.» Nuko nya mato arasambuka+, ntivyakunda ko aja i Tarushishi.

21 Mu nyuma Yehoshafati arapfa, bamuhamba hamwe na ba sekuruza mu gisagara ca Dawidi. Maze umuhungu wiwe Yehoramu atangura kuganza mu kibanza ciwe+. 2 Abandi bahungu ba Yehoshafati, ari bo benewabo na Yehoramu, bari Azariya, Yehiyele, Zakariya, Azariya, Mikayeli na Shefatiya. Abo bose bari abahungu ba Yehoshafati umwami wa Isirayeli. 3 Se yari yarabagabiye ibintu vyinshi vyo mw’ifeza no mu nzahabu n’ibindi bintu vy’agaciro, abaha n’ibisagara bikingijwe ibihome vyo mu Buyuda+. Mugabo ubwami yabuhaye Yehoramu+ kuko yari imfura.

4 Yehoramu amaze kuramutswa ubwami bwa se, akomeza ubutegetsi bwiwe mu kwicisha inkota benewabo bose+, yica na bamwebamwe mu batware bo muri Isirayeli. 5 Yehoramu yabaye umwami afise imyaka 32, aca amara imyaka umunani aganza i Yeruzalemu+. 6 Yiganye akarorero kabi k’abami ba Isirayeli+, akora nk’ivyo abo mu muryango wa Ahabu bakoze kuko yari yararongoye umukobwa wa Ahabu+. Aguma akora ivyo Yehova abona ko ari bibi. 7 Mugabo Yehova ntiyashaka guhonya umuryango* wa Dawidi, kubera isezerano yari yaragiranye na we+. Yari yamusezeraniye ko azomuha itara* we n’abahungu biwe ibihe vyose+.

8 Ku ntwaro ya Yehoramu, Abanyedomu bagarariza Ubuyuda+, biyimikira umwami+. 9 Yehoramu n’abakomanda biwe baca bajabukana n’imikogote yiwe yose maze Abanyedomu baramukikuza we hamwe n’abakuru bajejwe imikogote. Mugabo ahengera mw’ijoro aravyuka, arabarwanya arabatsinda. 10 Abanyedomu bagumye bagarariza Ubuyuda gushika n’uyu musi. Ico gihe ab’i Libuna+ na bo nyene baramugarariza. Ivyo vyabaye kubera yari yahevye Yehova Imana ya ba sekuruza biwe+. 11 Yehoramu kandi yari yaratunganije ibibanza vyo gusengeramwo*+ ku misozi yo mu Buyuda. Yatumye ababa i Yeruzalemu bahemukira Imana basenga izindi mana*, azimiza abo mu Buyuda.

12 Mu nyuma, aronka ubutumwa bwanditswe n’umuhanuzi Eliya+ bugira buti: «Yehova Imana ya sogokuruza Dawidi avuze ati: “Ntiwiganye akarorero ka so Yehoshafati+ n’aka Asa+ umwami w’Ubuyuda. 13 Mugabo wiganye abami ba Isirayeli+, utuma ababa mu Buyuda n’i Yeruzalemu bahemukira Imana basenga izindi mana*+, nk’uko abo mu muryango wa Ahabu babigira+. Warishe na benewanyu+ bo mu rugo rwa so kandi bari intore kukurusha. 14 Yehova rero agira ateze ivyago bikomeye abantu bawe, abahungu bawe, abagore bawe n’ivyawe vyose. 15 Kandi uzorwara ibirwara vyinshi, harimwo n’indwara y’amara, gushika n’aho amara yawe agenda arasohoka ku musi ku musi kubera iyo ndwara.”»

16 Nuko Yehova ashuhurira+ kuri Yehoramu Abafilisitiya*+ n’Abarabu+ baba hafi y’Abanyetiyopiya. 17 Batera Ubuyuda, binjirayo ku nguvu maze basahura ibintu vyose basanze mu nzu* y’umwami+, batwara n’abahungu biwe n’abagore biwe. Umuhererezi wiwe Yehowahazi*+ ni we muhungu wenyene yasigaye. 18 Inyuma y’ivyo vyose, Yehova amuteza indwara y’amara idakira+. 19 Haheze imyaka ibiri yuzuye, amara yiwe atangura gusohoka kubera iyo ndwara. Mu nyuma araremba, arateba arapfa. Abantu biwe nta muriro bamucaniye ngo bamutere iteka nk’uko babigiriye ba sekuruza biwe+. 20 Yehoramu yabaye umwami afise imyaka 32, maze amara imyaka umunani aganza i Yeruzalemu. Nta n’umwe yababajwe n’urupfu rwiwe. Nuko bamuhamba mu gisagara ca Dawidi+, mugabo ntibamuhamba aho bahamba abami+.

22 Maze ababa i Yeruzalemu bimika Ahaziya umuhungu wiwe w’umuhererezi ngo abe umwami mu kibanza ciwe. Babigize kuko ka kagwi k’abambuzi kazanana n’Abarabu gutera ikambi y’Ubuyuda kishe bakuruwe bose+. Nuko umwami Ahaziya mwene Yehoramu atangura kuganza Ubuyuda+. 2 Ahaziya yari afise imyaka 22 igihe yatangura kuganza, amara umwaka umwe aganza i Yeruzalemu. Nyina yitwa Ataliya+, akaba yari umwuzukuru* wa Omuri+.

3 Na we nyene yakurikiye akarorero kabi k’abo mu muryango wa Ahabu+, kuko nyina yamuhanura gukora ivy’ububisha. 4 Yagumye akora ivyo Yehova abona ko ari bibi nk’abo mu muryango wa Ahabu, kuko aho se apfiriye ari bo bari basigaye ari abajanama biwe, bikaba vyamukwegeye guhona. 5 Ahaziya yakurikije impanuro bamuha, aja i Ramoti-Gileyadi+ ari kumwe na Yehoramu mwene Ahabu umwami wa Isirayeli. Bari bagiye kurwana na Hazayeli+ umwami wa Siriya, mugabo abarasisha umuheto bakomeretsa Yehoramu. 6 Yehoramu aca asubira i Yezireli+ kurwarirayo, kubera ko bari bamukomerekeje igihe yari i Ramoti* kurwana na Hazayeli umwami wa Siriya+.

Nayo Ahaziya* mwene Yehoramu+ umwami w’Ubuyuda aja i Yezireli gusuhuza Yehoramu+ mwene Ahabu, kuko yari arwaye*+. 7 Mugabo Imana yatumye urugendo Ahaziya yagize aja kwa Yehoramu rumuviramwo urupfu. Amaze gushikayo, yajanye na Yehoramu gusanganira Yehu+ umwuzukuru* wa Nimushi, uwo Yehova yari yararobanuje amavuta* kugira ahonye umuryango wa Ahabu+. 8 Aho Yehu atanguriye gushira mu ngiro urubanza rwaciriwe umuryango wa Ahabu, yahuye n’abatware bo mu Buyuda be n’abahungwabo* na Ahaziya, bakaba bakorera Ahaziya, maze arabica+. 9 Aca arondera Ahaziya. Bamusanze aho yari yinyegeje i Samariya, baramufata baraheza bamuzanira Yehu. Baca baramwica maze baramuhamba+, kuko bavuze bati: «Ni umwuzukuru wa Yehoshafati, umwami yakoreye* Yehova n’umutima wiwe wose+.» Nta muntu n’umwe wo mu muryango wa Ahaziya yari ashoboye kuganza ari umwami.

10 Nuko Ataliya+ nyina wa Ahaziya abonye ko umuhungu wiwe yapfuye, aca ava hasi ahonya abo mu nda y’ingoma bose* mu Buyuda+. 11 Ariko Yehoshabeyati umukobwa w’umwami atora mu mpisho* Yehowasi+ mwene Ahaziya, amukura mu bahungu b’umwami bagira bicwe. Aja kumunyegeza we n’umurezi wiwe mu cumba kimwe. Yehoshabeyati umukobwa w’umwami Yehoramu+ yagumye anyegeje uwo muhungu ku buryo Ataliya atashoboye kumubona ngo amwice+. (Yehoshabeyati yari umugore w’umuherezi Yehoyada+ akaba na mushiki wa Ahaziya.) 12 Yehowasi agumana na bo imyaka itandatu binyegeje mu nzu y’Imana y’ukuri. Ataliya ni we yaganza igihugu.

23 Mu mwaka ugira indwi, Yehoyada agira umutima rugabo maze agirana isezerano n’abakuru b’abasoda 100+. Abo bakuru bari aba: Azariya mwene Yerohamu, Ishimayeli mwene Yehohanani, Azariya mwene Obedi, Mayaseya mwene Adaya na Elishafati mwene Zikiri. 2 Maze baja hirya no hino mu Buyuda, bakoraniriza hamwe Abalewi+ bo mu bisagara vyose vyo mu Buyuda, bakoranya n’abakuru b’imigwi mikurumikuru igize imiryango ya Isirayeli. Bashitse i Yeruzalemu, 3 ishengero ryose rigirana isezerano+ n’umwami mu nzu y’Imana y’ukuri, hanyuma Yehoyada ababwira ati:

«Umuhungu w’umwami azoganza, nk’uko Yehova yabisezeranye ku biraba abahungu ba Dawidi+. 4 Uku ni ko muzokora: abaherezi n’Abalewi bazoba bakoze+ kw’isabato bazoba bari mu migwi itatu. Umugwi wa mbere uzoba uri ku marembo+, 5 umugwi ugira kabiri uzoba uri ku nzu* y’umwami+, uwa gatatu na wo uzoba uri kw’irembo ry’umushinge. Abandi bantu bose bazoba bari mu bigo vy’inzu ya Yehova+. 6 Ntihaze hagire n’umwe mwemerera kwinjira mu nzu ya Yehova atari abaherezi n’Abalewi bazoba bari ku gikorwa+. Abo ni bo bazokwinjira, kuko umugwi wabo ari mweranda. Abandi bantu bose bazokora ivyo basabwa na Yehova. 7 Abalewi baze bakikuze umwami impande zose, umwe wese afise ibirwanisho vyiwe mu kuboko. Uwuzogerageza kwinjira mu rusengero* wese azoce yicwa. Muze mugumane n’umwami aho azoba agiye hose*.»

8 Abalewi n’ababa mu Buyuda bose bakora nk’uko nyene umuherezi Yehoyada abategetse. Nuko umukuru wese atora abo atwara, ni ukuvuga abakoze kw’isabato n’abatakoze+, kuko imigwi+ yabo yose umuherezi Yehoyada yari yayisavye kuguma ku gikorwa. 9 Umuherezi Yehoyada aca aha ba bakuru b’abasoda 100+ amacumu, inkinzo ntonto* n’inkinzo z’umuzingi vyahora ari ivy’umwami Dawidi+, bikaba vyari bibitse mu nzu y’Imana y’ukuri+. 10 Maze bose abashira mu bibanza vyabo irya n’ino y’umwami, umwe wese afise ikirwanisho* ciwe mu kuboko. Bari bahagaze kuva ku ruhande rw’iburyo rw’inzu y’Imana gushika ku rw’ibubamfu, iruhande y’igicaniro n’iruhande y’iyo nzu. 11 Baca basohokana umuhungu w’umwami+, bamwambika urugori ku mutwe, bashirako n’umuzingo urimwo amabwirizwa y’Imana*+. Nuko baramwimika aba umwami, maze Yehoyada n’abahungu biwe bamurobanuza amavuta*. Baca bavuga bati: «Umwami nahangame+!»

12 Ataliya yumvise urwamo rw’abantu bariko biruka bongera bahayagiza umwami, aca aja iyo bari ku nzu ya Yehova+. 13 Ahashitse abona umwami ahagaze iruhande y’inkingi yiwe mu bwinjiriro. Abatware+ n’abavuza inzumbete bari iruhande y’umwami. Abanyagihugu bose na bo bariko bavuza inzumbete banezerewe+. Abaririmvyi bafise ibicurarangisho ni bo babayobora mu gushemeza* Imana. Ataliya aca yitaburirako impuzu, maze asemerera ati: «Ubwo ni ubugarariji! Ni ubugarariji!» 14 Ba bakuru batwara abasoda 100 bari bahawe kuraba ingabo zari ng’aho. Nuko umuherezi Yehoyada arabahamagara, ababwira ati: «Nimumusohore mumukure aho ingabo zitonze. Uwumushigikira* wese muce mumwicisha inkota!» Ivyo yabivuze kubera yari yababwiye ngo ntibamwicire mu nzu ya Yehova. 15 Baca baramufata baramujana. Bashitse ku kirimba* kw’irembo ry’amafarasi, baca bamwiciraho.

16 Maze biciye kuri Yehoyada, hagirwa isezerano hagati yiwe, abantu bose n’umwami. Basezerana ko bazoguma ari abantu ba Yehova+. 17 Abanyagihugu bose baca baja ku rusengero* rwa Bayali barusiturira hasi+, bamenagura ibicaniro vyayo n’ibishusho vyayo+. Matani umuherezi wa Bayali na we bamwicira+ imbere y’ivyo bicaniro. 18 Yehoyada araheza ashinga abaherezi n’Abalewi ibanga ryo guhagarikira inzu ya Yehova. Abo baherezi n’Abalewi Dawidi yari yarabashize mu migwi yitwararika inzu ya Yehova, ngo batange ibimazi biturirwa vya Yehova+. Bobigize bisunze ivyanditswe mu mategeko ya Musa+, bakabigira banezerewe hariko n’indirimbo nk’uko Dawidi yabitegetse. 19 Ashira n’abarinzi b’amarembo+ ku marembo y’inzu ya Yehova, kugira ngo ntihagire umuntu n’umwe ahumanye mu buryo na bumwe yinjira. 20 Aca akoranya abakuru batwara abasoda 100+, abanyacubahiro, abategetsi n’abanyagihugu bose, maze baherekeza umwami bamukuye ku nzu ya Yehova bamushikana ku kirimba baciye kw’irembo rya ruguru. Baraheza bamwicarika ku ntebe y’ubwami+. 21 Abanyagihugu bose baranezerwa, igisagara na co kigira amahoro kuko Ataliya yari yapfuye. Bamwicishije inkota.

24 Yehowasi yari afise imyaka indwi igihe yatangura kuganza+, maze amara imyaka 40 aganza i Yeruzalemu. Nyina yitwa Zibiya, akaba yava i Beri-Sheba+. 2 Yehowasi yagumye akora ivyo Yehova abona ko bigororotse igihe cose umuherezi Yehoyada yamaze akiriho+. 3 Yehoyada yamurondereye abagore babiri, hanyuma avyara abahungu n’abakobwa.

4 Inyuma y’ivyo, Yehowasi agira icipfuzo co gusubiramwo inzu ya Yehova+. 5 Nuko akoraniriza hamwe abaherezi n’Abalewi, ababwira ati: «Nimuje mu bisagara vy’Ubuyuda, mwegeranye amahera yo gusanasana inzu y’Imana+ yanyu ku mwaka ku mwaka, muyakuye mu Bisirayeli bose, kandi mubinyarutse.» Mugabo abaherezi ntibanyarutsa+. 6 Umwami atumako rero Yehoyada umukuru w’abaherezi, amubwira ati+: «Kubera iki utasavye Abalewi ngo bazane ikori ryeranda ryashinzwe na Musa+ wa musavyi wa Yehova barikuye mu Buyuda n’i Yeruzalemu? Kubera iki utabasavye ngo bazane iryo kori ryeranda ritangwa n’ishengero rya Isirayeli ku bw’ihema ririmwo isandugu y’isezerano*+? 7 Urazi neza yuko abahungu ba Ataliya+ wa mugore w’umubisha binjiye ku nguvu mu nzu y’Imana y’ukuri+, bagakoresha ibintu vyeranda vyose vyo mu nzu ya Yehova mu gusenga za Bayali.» 8 Maze umwami ategeka yuko bakora isandugu+, bakayishira hanze hafi y’irembo ry’inzu ya Yehova+. 9 Inyuma y’ivyo batangariza ababa mu Buyuda hose n’i Yeruzalemu ngo bazanire Yehova ikori ryeranda+, rimwe Musa wa musavyi w’Imana y’ukuri yari yarashingiye Abisirayeli mu bugaragwa. 10 Nuko abatware bose n’abanyagihugu bose baranezerwa+. Baguma bazana intererano zabo bakazishira muri ya sandugu gushika yuzuye*.

11 Igihe cose Abalewi baba binjije iyo sandugu ngo bayishikirize umwami, bagasanga amahera arimwo yagwiriye, umunyamabanga w’umwami n’icariho c’umukuru w’abaherezi baca baza bakayicuranura+ maze bakayisubiza aho yari iri. Ukwo ni ko babigenza ku musi ku musi, kandi baregeranije amahera menshi. 12 Umwami na Yehoyada baca bayaha abahagarikiye igikorwa co ku nzu ya Yehova. Abo bahagarikiye igikorwa baca bayahemba abaringaniza amabuye n’abanyamyuga b’abahinga kugira ngo basubiremwo inzu ya Yehova+. Barahemba n’abakora ibijanye n’ubutare bw’icuma n’umujumpu kugira ngo basanasane iyo nzu ya Yehova. 13 Nuko abahagarikiye igikorwa batanguza ibikorwa vyo gusanasana iyo nzu y’Imana y’ukuri, biguma bitera imbere. Maze iyo nzu bayisubiza nk’uko yahora, barayikomeza. 14 Bakimara kurangiza, baciye bazanira umwami na Yehoyada amahera yasigaye. Maze bayikorako mu gukoresha ibikoresho vyo mu nzu ya Yehova, harimwo ibikoresho bijanye n’igikorwa cahakorerwa, ivyakoreshwa mu gutanga amashikanwa, ibikombe, n’ibikoresho vy’inzahabu be n’ivy’ifeza+. Igihe cose Yehoyada yamaze akiriho, hama hatangwa ibimazi biturirwa+ ku nzu ya Yehova.

15 Yehoyada amaze gusaza cane*, yahavuye apfa. Yari afise imyaka 130. 16 Nuko bamuhamba mu gisagara ca Dawidi aho bahamba abami+, kubera ivyiza yakoze muri Isirayeli+ bijanye n’Imana y’ukuri n’inzu yayo.

17 Inyuma y’urupfu rwa Yehoyada, abatware bo mu Buyuda baraje bunamira umwami, na we arabumviriza. 18 Nuko abantu baheba inzu ya Yehova Imana ya ba sekuruza, batangura gusenga* ibigirwamana n’inkingi nyeranda z’ibiti*. Ivyo vyatumye Imana ishavurira ababa mu Buyuda n’i Yeruzalemu kubera ivyaha vyabo. 19 Yehova yaguma abarungikira abahanuzi kugira ngo babagarukane kuri we. Baguma bababurira*, mugabo ntibumve+.

20 Impwemu y’Imana iza kuri* Zakariya umuhungu w’umuherezi Yehoyada+. Ahagarara ahantu hataramutse imbere y’abantu ababwira ati: «Imana y’ukuri ivuze iti: “Kubera iki muhonyanga amabwirizwa ya Yehova? Ntimuzororanirwa. Ko mwahevye Yehova, na we rero azobaheba+.”» 21 Mugabo baja inama yo kumugirira nabi+ maze bamwicisha amabuye babitegetswe n’umwami. Bamwiciye mu kigo c’inzu ya Yehova+. 22 Umwami Yehowasi yaribagiye ivyiza yakorewe na Yehoyada* se wa Zakariya, yica uwo muhungu wiwe. Ariko aracikana yavuze ati: «Yehova abirabe, aze abiguhanire+.»

23 Mu ntango z’umwaka, abasoda b’Abasiriya baja gutera Yehowasi, maze bakwiragira mu Buyuda n’i Yeruzalemu+. Baraheza bica abatware bose+, ivyo basahuye vyose babirungikira umwami w’i Damasiko. 24 Naho abo basoda b’Abasiriya bateye ari bake, Yehova yarabafashije gutsinda ingabo nyinshi cane+, kubera ko abantu bo mu Buyuda bari barahevye Yehova Imana ya ba sekuruza. Nuko bashitsa* kuri Yehowasi urubanza yaciriwe. 25 Igihe bava iwe (kubera ko basize bamukomerekeje cane*), abasuku biwe baciye baja inama yo kumugirira nabi kubera yari yasheshe amaraso y’abahungu* b’umuherezi Yehoyada+. Bamwiciye ku buriri bwiwe+. Nuko arapfa bamuhamba mu gisagara ca Dawidi+, mugabo ntibamuhamba aho bahamba abami+.

26 Abagiye inama yo kumugirira nabi+ bari aba: Zabadi umuhungu w’Umwamonikazi yitwa Shimeyati na Yehozabadi umuhungu w’Umunyamowabukazi yitwa Shimuriti. 27 Nayo ibijanye n’abahungu biwe, imburi zimugabisha yahawe+ be n’igikorwa yakoze co gusubiramwo inzu* y’Imana y’ukuri+, vyose vyanditswe* mu Gitabu c’abami. Maze umuhungu wiwe Amaziya atangura kuganza mu kibanza ciwe.

25 Amaziya yari afise imyaka 25 igihe yatangura kuganza maze amara imyaka 29 aganza i Yeruzalemu. Nyina yitwa Yehowadani, akaba yava i Yeruzalemu+. 2 Yagumye akora ivyo Yehova abona ko bigororotse, ariko ntiyabigiranye umutima wiwe wose. 3 Ubutegetsi bwiwe bukimara gutsimbatara, yica abari barishe se igihe yari akiri umwami+. 4 Mugabo ntiyishe abana babo. Yisunze ivyanditswe mu mategeko ari mu gitabu ca Musa, aho Yehova yategetse ati: «Ba sebibondo ntibaze bapfe bazira abana babo, n’abana ntibaze bapfe bazira ba se. Umwe wese azopfe azize igicumuro ciwe bwite+.»

5 Nuko Amaziya akoraniriza hamwe abo mu Buyuda maze abatondeka yisunze imigwi mikurumikuru igize imiryango bavamwo. Iyo migwi yari ihagarikiwe n’abakuru b’imigwi y’abantu 1.000 n’ab’imigwi y’abantu 100. Ukwo ni ko yabigize ku bo mu muryango wa Yuda n’uwa Benyamini+ bose. Yaharuye afatiye ku bafise imyaka 20 kuduga+, aronka abarwanyi 300.000 bamenyerejwe* boja mu ngabo, bazi gukoresha icumu n’inkinzo zagutse. 6 Vyongeye, atanga italanto* 100 z’ifeza kugira aronke abarwanyi b’intwari 100.000 abakuye muri Isirayeli. 7 Ariko hari umuntu w’Imana y’ukuri yaje kumuraba amubwira ati: «Mwami, ntujane n’ingabo za Isirayeli kuko Yehova adashigikiye Abisirayeli+. Nta n’umwe ashigikiye mu Befurayimu. 8 Ahubwo niwijane urwane, ube intwari mu rugamba. Ahandiho Imana y’ukuri yohava ireka ugatsindwa n’umwansi, kuko ifise ububasha bwo kugufasha+ canke gutuma utsindwa.» 9 Amaziya aca abwira uwo muntu w’Imana y’ukuri ati: «None ko nari nahaye italanto 100 ingabo za Isirayeli, bica bigenda gute?» Uwo muntu w’Imana y’ukuri aca yishura ati: «Yehova arashoboye kuguha vyinshi cane kuruta ivyo+.» 10 Amaziya aca arungika ingabo zari zavuye mu karere ka Efurayimu, zisubira iwabo. Ariko izo ngabo zishavurira cane abo mu Buyuda, zisubira iwabo riniga.

11 Nuko Amaziya agira umutima rugabo, atwara ingabo ziwe mu mubande w’Umunyu+ maze yica abantu b’i Seyiri+ 10.000. 12 Hari abandi 10.000 bafashwe n’abasoda b’Ubuyuda ari bazima. Baciye babajana kw’isonga ry’urutare babakororera hasi, bose baramenagurika. 13 Mugabo za ngabo Amaziya yasubiza inyuma ngo ntibajane ku rugamba+, zija gutera ibisagara vy’Ubuyuda, kuva i Samariya+ gushika i Beti-Horoni+. Zica abantu 3.000 zisahura n’ibintu vyinshi.

14 Mugabo Amaziya agarutse avuye kwica Abanyedomu, aza azanye imana z’abantu b’i Seyiri araheza azigira imana ziwe+. Nuko atangura kuzunamira no kuzishikanira ibimazi bigafumba umwotsi. 15 Yehova aca ashavurira cane Amaziya, amurungikira umuhanuzi amubwira ati: «Kubera iki usenga imana z’abo bantu kandi zitashoboye gukiza na benezo ngo ntubatsinde+?» 16 Akiriko aravugana na we, umwami aca amubwira ati: «Hora+! Hari uwakugize umujanama w’umwami+? Ukabandanya kuvuga ndakwicisha!» Uwo muhanuzi aca aragenda, mugabo asiga avuze ati: «Ndazi yuko Imana yafashe ingingo yo kugukuraho, kuko wakoze ivyo kandi ukaba utumvirije impanuro naguhaye+.»

17 Amaziya umwami w’Ubuyuda amaze kugisha inama abajanama biwe, arungikira Yehowasi ubutumwa bugira buti: «Ingo dutane mu mitwe*.» Yehowasi yari mwene Yehowahazi, Yehowahazi mwene Yehu umwami wa Isirayeli+. 18 Yehowasi umwami wa Isirayeli aca atuma kwishura Amaziya umwami w’Ubuyuda ati: «Icatsi c’amahwa c’i Libani carungikiye isederi y’i Libani ubutumwa bugira buti: “Mpa umukobwa wawe abe umugore w’umuhungu wanje.” Ariko igikoko co mw’ishamba ry’i Libani kirarengana, gikandagira ico catsi c’amahwa. 19 Wibwiye ngo: “Naratsinze* Abanyedomu+.” Waciye ugira ubwibone mu mutima, ushaka guhabwa icubahiro. Aho ntiwoguma iwawe*? Kubera iki wokwirirwa urikwegera ivyago, ugatembana n’Ubuyuda?»

20 Mugabo Amaziya yanka kwumva+. Imana y’ukuri ni yo yashaka ko bigenda ukwo kugira ngo we n’abantu biwe batsindwe n’abansi+, kuko bagiye mu vyo gusenga imana z’i Edomu+. 21 Nuko Yehowasi umwami wa Isirayeli aja gutana mu mitwe na Amaziya umwami w’Ubuyuda, barwanira i Beti-Shemeshi+ mu Buyuda. 22 Ingabo z’Ubuyuda zitsindwa n’iz’Abisirayeli, umwe wese ahungira iwe*. 23 Yehowasi umwami wa Isirayeli afatira Amaziya umwami w’Ubuyuda i Beti-Shemeshi. Amaziya yari mwene Yehowasi, Yehowasi mwene Yehowahazi*. Aza amuzanye i Yeruzalemu maze asenyura uruzitiro rwa Yeruzalemu ahareha n’intambwe 400*, kuva kw’irembo rya Efurayimu+ gushika kw’irembo ryo mu mfuruka+. 24 Araheza atwara inzahabu zose, ifeza zose n’ibindi bintu vyose vyo mu nzu y’Imana y’ukuri vyari bijejwe Obedi-Edomu*. Atwara n’ivyari mu bubiko bw’itunga ry’inzu* y’umwami+ n’abo yagize imbohe, maze asubira i Samariya.

25 Amaziya+ mwene Yehowasi umwami w’Ubuyuda, abaho iyindi myaka 15 inyuma y’urupfu rwa Yehowasi+ mwene Yehowahazi umwami wa Isirayeli+. 26 Nayo ibisigaye ku vyerekeye Amaziya, kuva ku ntango gushika kw’iherezo, vyanditswe mu Gitabu c’abami b’Ubuyuda n’aba Isirayeli. 27 Kuva aho Amaziya atereye akagere Yehova, abantu bamwe b’i Yeruzalemu barateguye umugambi wo kumugirira nabi+, aca ahungira i Lakishi. Mugabo barungika abaja kumuhiga i Lakishi, bamwicirayo. 28 Nuko agarukanwa ku mafarasi maze ahambwa hamwe na ba sekuruza mu gisagara co mu Buyuda.

26 Abantu bose bo mu Buyuda baca bafata Uziya+ bamugira umwami mu kibanza ca se Amaziya. Ico gihe yari afise imyaka 16+. 2 Ni we yagaruje igisagara ca Eloti+ gisubira kwegukira Ubuyuda, yongera asubira kucubaka. Ivyo vyabaye inyuma y’aho umwami* apfiriye+. 3 Uziya+ yari afise imyaka 16 igihe yatangura kuganza, amara imyaka 52 aganza i Yeruzalemu. Nyina yitwa Yekoliya, akaba yava i Yeruzalemu+. 4 Yagumye akora ivyo Yehova abona ko bigororotse cokimwe na se Amaziya+. 5 Igihe Zakariya yari akiriho, Uziya yagumye arondera Imana. Zakariya yamwigisha gutinya Imana y’ukuri. Yehova Imana y’ukuri yatumye Uziya atunganirwa muri ico gihe yamurondera+.

6 Yarateye Abafilisitiya+ amena uruzitiro rw’igisagara ca Gati+, urw’igisagara ca Yabune+ n’urw’igisagara ca Ashidodi+. Hanyuma yubaka ibisagara mu karere kegukira Ashidodi no mu tundi turere tw’Abafilisitiya. 7 Imana y’ukuri ibandanya kumufasha kurwanya Abafilisitiya, Abarabu+ baba i Guribayali n’Abamewunimu. 8 Abamoni+ batangura guha ikori* Uziya. Yahavuye aba rurangiranwa gushika mu Misiri, kuko yari asigaye akomeye bimwe bidasanzwe. 9 Vyongeye, Uziya yubaka iminara+ i Yeruzalemu, iruhande y’irembo ryo mu mfuruka+, iruhande y’irembo ryo ku mubande+ n’iruhande y’ahitwa ku rwego, arayikomeza. 10 Yubaka n’iminara+ mu bugaragwa yongera yimba* ibinogo vyinshi vy’amazi (kuko yari afise ibitungwa vyinshi). Agira gutyo no mu karere ka Shefela no mu kiyaya*. Yari afise abarimyi n’abakorera mu mirima y’imizabibu mu misozi n’i Karumeli kuko yakunda uburimyi.

11 Vyongeye, Uziya yahavuye agira ingabo zifise ibirwanisho bikwiye. Izo ngabo zaraja kugaba ibitero ziri mu migwi. Umunyamabanga+ Yeyeli n’umukuru Mayaseya ni bo baharuye izo ngabo bongera barazandika+. Bari bahagarikiwe n’umwe mu ntwazangabo z’umwami yitwa Hananiya. 12 Abo barwanyi b’intwari bari bahagarikiwe n’abakuru b’imigwi mikurumikuru igize imiryango bavamwo. Abo bakuru bose hamwe bari 2.600. 13 Ingabo bari bahagarikiye zari zigizwe n’abagabo 307.500 biteguriye urugamba. Zari ingabo zikomeye cane zafasha umwami kwivuna umwansi+. 14 Izo ngabo zose yazironkeje inkinzo, amacumu+, inkofero, amakoti y’ivyuma+, imiheto n’amabuye bateresha umugozi+. 15 Vyongeye, akora i Yeruzalemu ivyuma vy’intambara vyatunganijwe n’abahinga. Babishize ku minara+ no mu mfuruka z’uruzitiro, bikaba vyarasa imyampi n’amabuye maninimanini. Nuko aba rurangiranwa mu mihingo yose kuko yafashijwe mu buryo budasanzwe, arahava arakomera cane.

16 Ariko akimara gukomera, umutima wiwe ugira ubwibone, bimukwegera akarambaraye. Yarahemukiye Yehova Imana yiwe, yinjira mu rusengero rwa Yehova guturira imibavu ku gicaniro c’imibavu+. 17 Ubwo nyene umuherezi Azariya n’abaherezi 80 ba Yehova b’umutima rugabo baca barinjira baramukurikira. 18 Bahangana n’umwami Uziya bamubwira bati: «Ewe Uziya, guturirira imibavu Yehova+ si igikorwa cawe. Abaherezi ni bo bonyene barekuriwe guturira imibavu kuko bakomoka kuri Aroni+ kandi Imana ikaba yarabejeje. Sohoka uve aha hantu heranda kuko wahemutse, kandi nta cubahiro biguhesha kuri Yehova Imana.»

19 Mugabo Uziya aca arashavura cane+. Yari afise agapanu batuririramwo imibavu, agira ayiturire. Muri uwo mwanya yari agishavuriye abaherezi, imibembe+ isesa mu ruhanga rwiwe aho nyene imbere y’abaherezi, mu nzu ya Yehova hafi y’igicaniro c’imibavu. 20 Umukuru w’abaherezi Azariya n’abaherezi bose bahindukiye bakamuraba, babona yafashwe n’imibembe mu ruhanga. Nuko baranyaragasa bamukura ng’aho, na we nyene yihutira gusohoka, kuko Yehova yari yamuhanye.

21 Umwami Uziya yagumye arwaye imibembe gushika apfuye. Yagumye aba mu nzu ya wenyene kubera iyo mibembe+. Ntiyari yemerewe kuja mu nzu ya Yehova. Umuhungu wiwe Yotamu ni we yaraba ivyo ku kirimba*, agatunganiriza abanyagihugu+.

22 Ibisigaye ku vyerekeye Uziya, kuva ku ntango gushika kw’iherezo, vyanditswe n’umuhanuzi Yesaya+ mwene Amozi. 23 Maze Uziya arapfa, bamuhamba hamwe na ba sekuruza. Mugabo bamushize ukwiwe mw’itongo bahambamwo abami, kuko bavuga bati: «Ni umunyamibembe.» Umuhungu wiwe Yotamu+ aca atangura kuganza mu kibanza ciwe.

27 Yotamu+ yari afise imyaka 25 igihe yatangura kuganza, maze amara imyaka 16 aganza i Yeruzalemu. Nyina yitwa Yerusha, akaba yari umukobwa wa Sadoki+. 2 Yagumye akora ivyo Yehova abona ko bigororotse cokimwe na se Uziya+, uretse ko we atinjiye aho adafitiye uburenganzira mu rusengero rwa Yehova+. Ariko abantu bari bagikora ibibi. 3 Yarubatse irembo ryo haruguru ry’inzu ya Yehova+, yubaka n’ibindi vyinshi ku ruzitiro rw’i Ofeli+. 4 Yarubatse n’ibisagara+ mu karere k’imisozi k’Ubuyuda+, yongera yubaka iminara+ n’ibibanza bikingijwe ibihome+ mu mashamba. 5 Yararwanye n’umwami w’Abamoni+ arateba arabatsinda. Ni co gituma muri uwo mwaka Abamoni bamuhaye italanto* 100 z’ifeza, ingero 10.000 zitwa koro* z’ingano n’ingero 10.000 zitwa koro za sayiri. Mu mwaka ugira kabiri no mu wugira gatatu, bamuhaye nk’ivyo nyene+. 6 Nuko Yotamu aguma akomera kuko yari yiyemeje kugendera mu nzira za Yehova* Imana yiwe.

7 Nayo ibisigaye ku vyerekeye Yotamu, ni ukuvuga intambara zose yarwanye n’ivyo yakoze, vyanditswe mu Gitabu c’abami ba Isirayeli n’ab’Ubuyuda+. 8 Yari afise imyaka 25 igihe yaba umwami, maze amara imyaka 16 aganza i Yeruzalemu+. 9 Nuko Yotamu arapfa maze bamuhamba mu gisagara ca Dawidi+. Umuhungu wiwe Ahazi aca atangura kuganza mu kibanza ciwe+.

28 Ahazi+ yari afise imyaka 20 igihe yatangura kuganza, maze amara imyaka 16 aganza i Yeruzalemu. Ntiyakoze ivyo Yehova abona ko bigororotse, nka sekuruza Dawidi+. 2 Yagumye nyabuna akurikiza akarorero kabi k’abami ba Isirayeli+, akora n’ibishusho vy’ibigirwamana vyitwa Bayali bikozwe mu cuma*+. 3 Yaratanga ibimazi mu mubande wa mwene Hinomu*, bigafumba umwotsi. Yaraturiye n’abahungu biwe mu muriro+, yigana imigenzo ishisha y’amahanga+ Yehova yari yaromoye akabisa Abisirayeli. 4 Yagumye kandi aja mu bibanza vyo gusengeramwo*+, ku mirambi no munsi y’ibiti bitotahaye vyose+, akahatangira ibimazi bigafumba umwotsi.

5 Yehova Imana yiwe yaciye areka aratsindwa n’umwami wa Siriya+. Abasiriya baramunesha, maze bafata imbohe nyinshi cane bazijana i Damasiko+. Vyongeye, Imana yararetse aratsindwa n’umwami wa Isirayeli, yica abantu biwe, inganda ziratikira. 6 Peka+ mwene Remaliya yishe mu Buyuda abantu 120.000 ku musi umwe, bose bakaba bari abagabo b’intwari. Bishwe kuko bahevye Yehova Imana ya ba sekuruza+. 7 Umurwanyi wo muri Efurayimu yitwa Zikiri na we yishe Mayaseya umuhungu w’umwami, yica n’uwari ajejwe ivyo ku kirimba* yitwa Azirikamu na Elikana uwagira kabiri havuye umwami. 8 N’ikindi kandi Abisirayeli barafashe benewabo bo mu Buyuda 200.000, babagira imbohe. Harimwo abagore, abahungu n’abakobwa. Vyongeye, barasahuye ibintu vyinshi cane hanyuma babijana i Samariya+.

9 Ariko hari umuhanuzi wa Yehova yariyo yitwa Odedi. Aja guhura n’ingabo zari zije i Samariya, azibwira ati: «Muribagiye ko Yehova Imana ya ba sogokuruza banyu yabafashije gutsinda abo mu Buyuda kubera ko yari yabashavuriye+? Yamara mwaciye mubica n’ishavu ryinshi cane ku buryo rishika mw’ijuru. 10 Ubu rero abantu bo mu Buyuda n’i Yeruzalemu mushaka kubagira abasuku banyu n’abasukukazi banyu+. Mwibaza ko ari mwe mwera imbere ya Yehova Imana yanyu? 11 Ndabasavye munyumvirize: nimurekure abo benewanyu mwagize imbohe kuko Yehova abafitiye ishavu rirurumba.»

12 Bamwe mu bakuru bo mu Befurayimu ari bo Azariya mwene Yehohanani, Berekiya mwene Meshilemoti, Yehizikiya mwene Shalumu na Amasa mwene Hadilayi, biyamiriza abari baje bavuye ku rugamba. 13 Bababwira bati: «Ntimuzane izo mbohe ng’aha, kuko vyotuma Yehova aduharurako icaha. Ivyo mugomba gukora bihava vyongereza ibicumuro vyacu, bitume Imana irushiriza kutubona nabi. Erega ibicumuro vyacu bisanzwe ari vyinshi kandi Imana ifitiye Isirayeli ishavu rirurumba.» 14 Nuko abo basoda bashikiriza abakuru n’ishengero ryose izo mbohe bafashe n’ivyo basahuye+. 15 Abagabo bari batowe* bafata izo mbohe, maze abari gusa bose babaha impuzu bazikuye mu vyari vyasahuwe. Nuko barabambika, babaha ibirato*, ivyo barya n’ivyo banywa n’amavuta yo kwisiga. Vyongeye, abafise intege nke bose babatwara ku ndogobwa maze babajana muri benewabo i Yeriko ca gisagara c’ibigazi, hanyuma basubira i Samariya.

16 Ico gihe umwami Ahazi atabaza abami ba Ashuri+. 17 Maze Abanyedomu bongera gutera Ubuyuda, batwara imbohe. 18 Abafilisitiya+ na bo batera ibisagara vyo mu karere ka Shefela+ no mu karere ka Negebu kari mu Buyuda. Baraheza bafata ibi bisagara: Beti-Shemeshi+, Ayaloni+, Gederoti, Soko n’udusagara tuhegukira*, Timuna+ n’udusagara tuhegukira na Gimuzo n’udusagara tuhegukira, hanyuma babayo. 19 Yehova yaracishije bugufi Ubuyuda kubera Ahazi umwami wa Isirayeli, kuko yaretse abo mu Buyuda bagakora ivyo bishakiye bigatuma bahemukira cane Yehova.

20 Umwami wa Ashuri yitwa Tilugati-Piluneseri+ yahavuye aza kumutera, amuteza ivyago+ aho kumufasha ngo amukomeze. 21 Vyagenze ukwo naho Ahazi yakokoye inzu ya Yehova n’inzu* y’umwami+ n’iz’abatware, ivyariyo akabiha umwami wa Ashuri. Mugabo nta co vyamumariye. 22 Kandi muri ico gihe umwami Ahazi yari mu vyago, yarushirije guhemukira Yehova. 23 Yaciye atangura gushikanira ibimazi imana z’i Damasiko+ zari zamutsinze+, avuga ati: «Ko imana z’abami ba Siriya ziriko zirabafasha, reka nanje ndazishikanire ibimazi kugira zimfashe+.» Mugabo zaramukwegeye, zikwegera n’Abisirayeli bose. 24 Vyongeye, Ahazi yegeranya ibikoresho vyo mu nzu y’Imana y’ukuri, aca arabijanjagura+. Yugara imiryango y’inzu ya Yehova+, yiyubakira n’ibicaniro ahantu hose* i Yeruzalemu. 25 Kandi mu bisagara vyose vyo mu Buyuda, ahatunganya ibibanza vyo gusengeramwo ngo ahashikanire ibimazi izindi mana+, bifumbe umwotsi. Ababaza Yehova Imana ya ba sekuruza biwe.

26 Nayo ibisigaye ku bimwerekeye, ni ukuvuga ivyo yakoze vyose, kuva ku ntango gushika kw’iherezo, vyanditswe mu Gitabu c’abami b’Ubuyuda n’aba Isirayeli+. 27 Nuko Ahazi arapfa, bamuhamba mu gisagara ca Yeruzalemu, ariko ntibamushira aho bahamba abami ba Isirayeli+. Umuhungu wiwe Hezekiya atangura kuganza mu kibanza ciwe.

29 Hezekiya+ yari afise imyaka 25 igihe yatangura kuganza, maze amara imyaka 29 aganza i Yeruzalemu. Nyina yitwa Abiya, akaba yari umukobwa wa Zakariya+. 2 Yagumye akora ivyo Yehova abona ko bigororotse+, nka sekuruza Dawidi+. 3 Mu mwaka wa mbere ari umwami, mu kwezi kwa mbere, yaruguruye imiryango y’inzu ya Yehova, arayisanasana+. 4 Maze atumako abaherezi n’Abalewi, abakoraniriza mu kibanza co hanze kiri amaja mu buseruko. 5 Ababwira ati: «Nimunyumvirize yemwe Balewi. Nimwiyeze+, mweze n’inzu ya Yehova Imana ya ba sogokuruza maze mukure ibintu bihumanye ahantu heranda+. 6 Kuko ba data bahemutse bagakora ivyo Yehova Imana yacu abona ko ari bibi+. Baramuhevye, ntibaba bakiraba ihema ryeranda rya Yehova, bamutera ibitugu+. 7 Kandi barugaye imiryango y’ibaraza+, bazimya n’amatara+. Bararetse guturirira imibavu+ Imana ya Isirayeli no kuyishikanira ibimazi biturirwa+ mu kibanza ceranda. 8 Ni co gituma Yehova yashavuriye abo mu Buyuda n’i Yeruzalemu+, akabateza ivyago ku buryo ababitegereza bajorerwa bakumirwa, bakavuza agahwa*, nk’uko muvyibonera n’amaso yanyu+. 9 Ni yo mpamvu ba sogokuruza bacu bishwe n’inkota+, abahungu bacu n’abakobwa bacu n’abagore bacu bakajanwa kugirwa imbohe+. 10 Ubu rero nipfuza kugirana isezerano na Yehova Imana ya Isirayeli+, kugira ngo ishavu ryiwe rirurumba rituveko. 11 Bana banje, ubu si igihe co kwiraramira*, kuko Yehova yabatoye ngo muhagarare imbere yiwe kugira ngo mumukorere+, mumushikanire n’ibimazi+, bifumbe umwotsi.»

12 Abalewi baca bava hasi ngo bakore. Mu Bakohati+ hari Mahati mwene Amasayi na Yoweli mwene Azariya. Mu Bamerari+ hari Kishi mwene Abudi na Azariya mwene Yehaleleli. Mu Bagerushoni+ hari Yowa mwene Zima na Edeni mwene Yowa. 13 Muri bene Elizafani hari Shimuri na Yehuweli. Muri bene Asafu+ hari Zakariya na Mataniya. 14 Muri bene Hemani+ hari Yehiyele na Shimeyi. Muri bene Yedutuni+ na ho hari Shemaya na Uziyeli. 15 Maze bakoraniriza hamwe benewabo, bariyeza hanyuma baza guhumanura inzu ya Yehova+, nk’uko umwami yabibategetse abitumwe na Yehova. 16 Nuko abaherezi binjira mu nzu ya Yehova ngo bayihumanure. Baca basohora ibintu vyose bihumanye basanze mu rusengero rwa Yehova, babishira mu kigo+ c’inzu ya Yehova. Abalewi na bo barabitora barabisohora, babijana ku mwonga Kidironi+. 17 Batanguye kweza urusengero ku musi wa mbere w’ukwezi kwa mbere, maze ku musi ugira umunani w’ukwo kwezi bashika kw’ibaraza rya Yehova+. Bamaze imisi umunani beza inzu ya Yehova, barangiza ku musi ugira 16 w’ukwezi kwa mbere.

18 Inyuma y’ivyo baja kuraba umwami Hezekiya bamubwira bati: «Twahumanuye inzu ya Yehova yose n’igicaniro c’amashikanwa aturirwa+ be n’ibikoresho vyaco vyose+. Twahumanuye n’imeza y’imikate igerekeranye*+ be n’ibikoresho vyayo vyose. 19 Ibikoresho vyose umwami Ahazi yari yarakuye mu rusengero ku ntwaro yiwe igihe yahemuka+, twabiteguye twongera turavyeza+. Biri imbere y’igicaniro ca Yehova.»

20 Umwami Hezekiya avyuka kare, maze akoranya abatware b’igisagara hanyuma baduga ku nzu ya Yehova. 21 Bazana impfizi z’inka indwi, impfizi z’intama indwi, imyagazi y’intama indwi y’amasuguru, n’amasuguru indwi y’impene, ngo batangire ishikanwa ry’igicumuro ab’i bwami*, aheranda n’Ubuyuda+. Nuko abwira abaherezi bakomoka kuri Aroni ngo babishikanire ku gicaniro ca Yehova. 22 Bakerera izo nka+ maze abaherezi bafata amaraso yazo bayamijagira ku gicaniro+. Hanyuma bakerera impfizi z’intama, bamijagira amaraso yazo ku gicaniro. Bakerera na ya myagazi y’intama y’amasuguru, bamijagira amaraso yayo ku gicaniro. 23 Baca bafata ya masuguru y’impene y’ishikanwa ry’igicumuro bayazana imbere y’umwami n’ishengero, bayarambikako ibiganza. 24 Nuko abaherezi barayakerera, bayatanga nk’ishikanwa ry’igicumuro, baca bafata amaraso yayo bayamijagira ku gicaniro kugira Abisirayeli bose bakurweko ibicumuro*. Ivyo babigize kuko umwami yari yavuze ko Abisirayeli bose batangirwa ishikanwa riturirwa n’ishikanwa ry’igicumuro.

25 Muri uwo mwanya, ashira Abalewi mu nzu ya Yehova, bafise ivyuma bisama n’ibicurarangisho vy’imirya n’inanga+. Yabigize akurikije ivyashinzwe na Dawidi+, n’umuhanuzi Gadi+ yamenyesha umwami ivyo Imana yamweretse be n’umuhanuzi Natani+, kuko iryo tegeko ryatanzwe na Yehova biciye ku bahanuzi biwe. 26 Abalewi bari bahagaze bafise ibicurarangisho vya Dawidi, abaherezi na bo bafise inzumbete+.

27 Maze Hezekiya ategeka ko bashikana ikimazi giturirwa ku gicaniro+. Bagitangura gushikana ico kimazi, indirimbo ya Yehova ica iratangura. Inzumbete zirasamirana ziyobowe n’ibicurarangisho vya Dawidi umwami wa Isirayeli. 28 Igihe indirimbo yariko iraririmbwa, inzumbete na zo ziriko zirasamirana, ishengero ryose ryari ryunamye. Vyose vyagumye ukwo gushika bahejeje gutanga ishikanwa riturirwa. 29 Bakirangiza gutanga iryo shikanwa, umwami n’abari kumwe na we bose baca barunama bashika hasi. 30 Nuko umwami Hezekiya n’abatware baca babwira Abalewi ngo bashemeze Yehova bakoresheje amajambo y’indirimbo za Dawidi+ na Asafu+, umwe yavuga ivyo Imana yamweretse. Batangura rero kumushemeza banezerewe cane, barunama bashika hasi.

31 Hezekiya avuga ati: «Ko mwashizwe ku ruhande* ngo mukorere Yehova, nimwegere muzane ku nzu ya Yehova ibimazi n’amashikanwa yo gukenguruka.» Nuko ishengero ryose ritangura kuzana ibimazi n’amashikanwa yo gukenguruka, kandi uwo wese avyipfuza* azana amashikanwa aturirwa+. 32 Amashikanwa aturirwa ishengero ryazanye yari agizwe n’inka 70, impfizi z’intama 100 n’imyagazi y’intama 200 y’amasuguru. Ivyo vyose vyatanzwe nk’ishikanwa riturirwa rihabwa Yehova+. 33 Ayandi mashikanwa meranda batanze yari agizwe n’inka 600 n’intama 3.000. 34 Ariko abaherezi bari bahari babaye bake cane ku buryo batashoboye gukura inshato ku mashikanwa yose aturirwa. Benewabo b’Abalewi baciye babafasha+ gushika igikorwa kirangiye no gushika abandi baherezi bahejeje kwiyeza+, kuko Abalewi bari bitwararitse ivyo kwiyeza* gusumba abaherezi. 35 N’ikindi kandi, hariho amashikanwa aturirwa menshi+, ibihimba binuze vy’ibimazi vyo gusangira+ n’amashikanwa y’ikinyobwa ajana n’amashikanwa aturirwa+. Ukwo ni ko igikorwa co ku nzu ya Yehova casubijweho*. 36 Nuko Hezekiya n’abantu bose banezerezwa n’ivyo Imana y’ukuri yabakoreye+, n’ukuntu vyari vyabaye ningoga na ningoga.

30 Hezekiya arungikira ubutumwa Abisirayeli bose+ n’abo mu Buyuda, yandikira n’amakete abo mu karere ka Efurayimu na Manase+, ngo baze ku nzu ya Yehova i Yeruzalemu kugira bahimbarize Pasika Yehova Imana ya Isirayeli+. 2 Ariko umwami, abatware biwe n’ishengero ryose ryari i Yeruzalemu bashimye guhimbaza Pasika mu kwezi kugira kabiri+. 3 Ntibashoboye kuyihimbaza ku musi bari basanzwe bayihimbarizako+, kubera ko ata baherezi bakwiye bari biyejeje+, n’abantu bakaba batari bakoraniye i Yeruzalemu. 4 Nuko umwami n’ishengero ryose babona ko ari vyiza kubigenza gutyo. 5 Bafata rero ingingo yo kumenyesha abantu muri Isirayeli yose, kuva i Beri-Sheba gushika i Dani+, yuko bakwiye kuza guhimbariza Pasika Yehova Imana ya Isirayeli i Yeruzalemu, kuko batari bayihimbarije hamwe nk’uko vyanditswe mu mategeko+.

6 Nuko abajejwe gutwara amakete* bakwira muri Isirayeli yose no mu Buyuda batwaye amakete avuye ku mwami n’abatware biwe nk’uko umwami yari yabibategetse. Bagenda bavuga bati: «Yemwe Bisirayeli, nimugaruke kuri Yehova Imana ya Aburahamu na Izahaki na Isirayeli, kugira namwe abagarukeko mwebwe abasigaye mwarokotse ibitero vy’abami ba Ashuri+. 7 Ntimube nka ba sogokuruza banyu na benewanyu bahemukiye Yehova Imana ya ba sekuruza, bigatuma abateza ivyago ku buryo ababitegereza bajorerwa, nk’uko muvyibonera+. 8 Ntimube intagondwa nka ba sogokuruza banyu+. Nimuyobokere Yehova, muze aheranda hiwe+ yejeje gushika ibihe vyose, maze mukorere Yehova Imana yanyu kugira ngo ishavu ryiwe rirurumba ribaveko+. 9 Nimwagaruka kuri Yehova, benewanyu n’abana banyu bazogirirwa akagongwe n’ababagize imbohe+ babareke bagaruke muri iki gihugu+, kuko Yehova Imana yanyu afise impuhwe* n’imbabazi+. Nimwamugarukako ntazobaheba*+.»

10 Nuko abajejwe gutwara amakete* bava mu gisagara baja mu kindi mu karere kose ka Efurayimu n’aka Manase+, bashika no mu karere ka Zabuloni. Mugabo abantu baguma babatwenga bongera babashinyagurira+. 11 Ariko abantu bamwebamwe bo mu muryango wa Asheri, uwa Manase n’uwa Zabuloni baricishije bugufi baraza i Yeruzalemu+. 12 Imana y’ukuri yarafashije kandi abo mu Buyuda bahuza inama*, kugira bakurikize ivyo umwami n’abatware bari bategetse bivuye kuri Yehova.

13 Mu kwezi kugira kabiri+, abantu benshi bakoranira i Yeruzalemu kugira bahimbaze umusi mukuru w’imikate itarimwo umwambiro+. Ryari isinzi rinini cane. 14 Bava hasi bakuraho ibicaniro vyari i Yeruzalemu+, bakuraho n’ibicaniro vyose vy’imibavu+, baraheza babita mu mwonga Kidironi. 15 Maze bakerera ibitungwa vy’ikimazi ca Pasika ku musi ugira 14 w’ukwezi kugira kabiri. Abaherezi n’Abalewi baramaramaye bituma biyeza, bazana amashikanwa aturirwa ku nzu ya Yehova. 16 Nuko baja mu bibanza basanzwe bakoreramwo bisunze amategeko ya Musa wa muntu w’Imana y’ukuri. Maze abaherezi bamijagira ku gicaniro amaraso+ bahawe n’Abalewi. 17 Kubera ko muri iryo shengero ryari ng’aho hari benshi batari biyejeje, Abalewi bahawe igikorwa co gukerera ibitungwa vy’ikimazi ca Pasika ku bw’abari bahumanye bose+ kugira ngo babeze, Yehova abone ko ari beranda. 18 Abantu benshi, na canecane abo mu muryango wa Efurayimu, uwa Manase+, uwa Isakari n’uwa Zabuloni, ntibari bihumanuye. Mugabo barariye Pasika kandi bitemewe n’amategeko. Ariko Hezekiya yarabasengeye, avuga ati: «Ewe Yehova Mana nziza+, girira ikigongwe 19 uwo wese yateguye umutima wiwe kugira akurondere wewe Yehova Imana y’ukuri+, Imana ya ba sekuruza biwe, naho atihumanuye ngo abe mweranda nk’uko bisabwa+.» 20 Nuko Yehova yumvira Hezekiya, ababarira* abo bantu.

21 Abisirayeli bari i Yeruzalemu bamara imisi indwi bahimbaza umusi mukuru w’imikate itarimwo umwambiro+, banezerewe cane+. Abalewi n’abaherezi baguma bashemeza Yehova uko bukeye uko bwije. Bashemeza Yehova bavuza ibicurarangisho vyabo n’ijwi rirenga+. 22 Vyongeye, Hezekiya aremesha Abalewi* bose bariko bakorera Yehova babigiranye ubukerebutsi*. Abantu bose bamaze imisi indwi y’uyo musi mukuru barya+, bashikana ibimazi vyo gusangira+ bongera bashimira Yehova Imana ya ba sekuruza.

23 Abagize iryo shengero bose bafata ingingo yo kumara iyindi misi indwi bahimbaza uwo musi mukuru. Nuko bamara iyo misi indwi bawuhimbaza banezerewe+. 24 Hezekiya umwami w’Ubuyuda aterera impfizi z’inka 1.000, aterera n’intama 7.000 ku bw’ishengero, abatware na bo baterera impfizi z’inka 1.000 be n’intama 10.000+. Nayo abaherezi baguma biyeza ku bwinshi+. 25 Abantu bose bo mu Buyuda, abaherezi, Abalewi, abaje bava muri Isirayeli bose+ be n’abanyamahanga+ baje bava muri Isirayeli no mu Buyuda, babandanya kunezerwa. 26 Haba umunezero mwinshi i Yeruzalemu, kuko kuva mu gihe ca Salomo umuhungu wa Dawidi umwami wa Isirayeli, hatari bwigere haba ikintu nk’ico i Yeruzalemu+. 27 Amaherezo Abalewi b’abaherezi bava hasi bahezagira abantu+. Imana yumva ijwi ryabo, maze isengesho ryabo rishika mw’ijuru ahantu heranda iba.

31 Bakirangiza ivyo vyose, Abisirayeli bose bari ng’aho baja mu bisagara vy’Ubuyuda, bamenagura inkingi nyeranda z’amabuye+, bicira n’inkingi nyeranda z’ibiti*+. Basenyagura ibibanza vyo gusengeramwo*+ n’ibicaniro+ mu Buyuda bwose no mu karere ka Benyamini, aka Efurayimu n’aka Manase+, gushika babizimanganije vyose. Abisirayeli bose baraheza basubira mu bisagara vyabo, umwe wese kw’itongo ryiwe.

2 Maze Hezekiya ashira abaherezi mu migwi yabo+ n’Abalewi mu migwi yabo+ kugira ngo umuherezi wese n’Umulewi wese akore igikorwa ajejwe+. Baratanga amashikanwa aturirwa n’ibimazi vyo gusangira, bagakora ibikorwa bajejwe, bagakengurukira Imana bakongera bakayishemeza bari mu marembo y’ibigo* vya Yehova+. 3 Mu vy’umwami atunze, hari ivyo yatanga ku bw’amashikanwa aturirwa+. Muri ayo mashikanwa harimwo n’ayo batanga mu gitondo no ku mugoroba+, ku masabato+, ku mboneko z’ukwezi+ no ku misi mikuru+, hisunzwe ivyanditswe mu mategeko ya Yehova.

4 Vyongeye, umwami ategeka ababa i Yeruzalemu kuza baraha abaherezi n’Abalewi+ umugabane bagenewe kugira ngo bitwararike rwose* itegeko rya Yehova. 5 Iryo tegeko rikimara gusohoka, Abisirayeli batanga ku bwinshi ivyo bimbuye ubwa mbere*: uri intete, umuvinyu mushasha, amavuta+, ubuki n’ibindi vyose bimbuye mu mirima+. Bazanye ku bwinshi ic’icumi c’ibintu vyose+. 6 Abantu bo muri Isirayeli n’abo mu Buyuda baba mu bisagara vyo mu Buyuda, na bo nyene bazana ic’icumi c’inka n’intama n’ic’icumi c’ibintu vyeranda+ vyeguriwe* Yehova Imana yabo. Babizana ari vyinshi cane babishira aho. 7 Batanguye kuzana izo ntererano zose mu kwezi kugira gatatu+, barangiza mu kwezi kugira indwi+. 8 Aho Hezekiya n’abatware baziye bakabona izo ntererano zose, baca bashemeza Yehova, bahezagira n’abantu biwe b’Abisirayeli.

9 Hezekiya abajije abaherezi n’Abalewi ibijanye n’izo ntererano zose, 10 Azariya umukuru w’abaherezi bo mu muryango wa Sadoki amwishura ati: «Kuva igihe batanguriye kuzana intererano mu nzu ya Yehova+, abantu barariye barahaga kandi haracasigaye vyinshi kuko Yehova yahezagiye abantu biwe. Ibi vyose ubona bingana gutya ni ivyasigaye+.»

11 Hezekiya aca ababwira ngo bategure ivyumba vy’ububiko*+ vyo mu nzu ya Yehova. Baca barabitegura. 12 Baguma bazana intererano badahemuka, n’ivy’icumi+ be n’ibintu vyeranda. Umulewi yitwa Konaniya ni we yari abihagarikiye vyose, agakurikirwa na mwenewabo Shimeyi. 13 Yehiyele, Azaziya, Nahati, Asaheli, Yerimoti, Yozabadi, Eliyeli, Isimakiya, Mahati na Benaya bari ivyariho bifasha Konaniya na mwenewabo Shimeyi, nk’uko umwami Hezekiya yari yabitegetse. Azariya na we yari ahagarikiye inzu y’Imana y’ukuri. 14 Kore mwene Imuna yari Umulewi arinda irembo mu buseruko+. Yari ajejwe amashikanwa abantu baha Imana y’ukuri bavyishakiye+ kandi ni we yagabura intererano zihabwa Yehova+ n’ibintu vyeranda cane+. 15 Mu bisagara vy’abaherezi+, hari abo yatwara bari bajejwe ibanga ry’abizigirwa. Ni bo b’aba: Edeni, Miniyamini, Yeshuwa, Shemaya, Amariya na Shekaniya. Bari bajejwe igikorwa co guha benewabo bo mu migwi+ itandukanye imigabane ingana, yaba umukuru canke umuto. 16 Ivyo vyaza vyiyongera ku gikorwa co kugaburira abantu b’igitsina-gabo baza buri musi ku nzu ya Yehova gukora igikorwa bajejwe bisunze imigwi barimwo. Bari banditswe hakurikijwe amamuko yabo kuva ku bafise imyaka itatu kuduga.

17 Abaherezi banditswe hakurikijwe imigwi mikurumikuru igize imiryango bavamwo+ nk’uko n’Abalewi banditswe. Handitswe abafise imyaka 20 kuduga+, hisunzwe ivyo bajejwe mu migwi+ bakoreramwo. 18 Haranditswe n’abagore babo, abahungu babo n’abakobwa babo mbere n’utwana dutoyi, emwe Abalewi bose. Banditswe kubera ko bitwararika kuguma ari beranda kugira bakore ibikorwa vyeranda bijanye n’ibanga ryabo ry’abizigirwa. 19 Haranditswe n’abakomoka kuri Aroni, ni ukuvuga abaherezi baba mu matongo yo kuragiramwo yari akikuje ibisagara vyabo+. Mu bisagara vyose hari abagabo bari batowe* kugira ngo bahe imigabane y’ibifungurwa uw’igitsina-gabo wese mu baherezi n’uwo wese yanditswe ku rutonde rwerekana amamuko y’Abalewi.

20 Ivyo Hezekiya yabikoze mu Buyuda hose. Yabandanije gukora ivyo Yehova Imana yiwe abona ko ari vyiza kandi bigororotse, aguma ari umwizigirwa kuri we. 21 Yarakoze ibintu bitandukanye arondera Imana yiwe, haba mu bijanye n’igikorwa co ku nzu y’Imana y’ukuri+ canke mu bijanye no kwubahiriza amategeko be n’amabwirizwa. Vyose yabikoranye umutima wiwe wose, kandi yararoraniwe.

32 Inyuma y’ivyo vyose be n’ivyo Hezekiya yakoze vyerekana ko ari umwizigirwa+, Senakeribu umwami wa Ashuri aza gutera Ubuyuda. Yugariza ibisagara bikingijwe ibihome arondera kumena inzitiro zavyo ngo abifate+.

2 Hezekiya abonye ko Senakeribu aje yiyemeje gutera Yeruzalemu, 3 aca ahanuza abatware biwe n’abarwanyi biwe. Maze afata ingingo yo kuzibira amasoko y’amazi yari hanze y’igisagara+, na bo baramushigikira. 4 Maze abantu benshi bakoranirizwa hamwe, bazibira amasoko yose y’amazi n’uruzi rwatemba ruca mu gihugu, kuko bavuga bati: «Kubera iki abami ba Ashuri boza bagasanga hari amazi menshi?»

5 Vyongeye, agira umwete yubaka uruzitiro rwose rwari rwarasenyuwe, arwubakako n’iminara, ku ruhande rw’inyuma na ho ahubaka urundi ruhome. Asanasana n’agasozi Milo*+ k’igisagara ca Dawidi, akora n’ibirwanisho* vyinshi cane be n’inkinzo. 6 Maze ashiraho abakuru b’ingabo bo kugaba abantu, abakoraniriza mu kibanza rusangi* co kw’irembo ry’igisagara, abaremesha* ati: 7 «Nimugire umutima rugabo kandi mukomere. Ntimutinye canke ngo muranduke umutima kubera umwami wa Ashuri+ n’isinzi ryose riri kumwe na we, kuko abari kumwe natwe ari benshi kuruta abari kumwe na we+. 8 We afise inkomezi z’abantu buntu*, mugabo twebwe dufise Yehova Imana yacu adufasha kandi akaturwanira mu ntambara+.» Nuko abantu baremeshwa n’ayo majambo ya Hezekiya umwami w’Ubuyuda+.

9 Mu nyuma, igihe Senakeribu umwami wa Ashuri yari i Lakishi+ ari kumwe n’ingabo ziwe zose*, atuma abasuku biwe i Yeruzalemu kuri Hezekiya umwami w’Ubuyuda no ku Bayuda bose b’i Yeruzalemu+ ati:

10 «Senakeribu umwami wa Ashuri avuze ati: “Mwizigiye iki aho mwigumira i Yeruzalemu kandi hugarijwe+? 11 Erega Hezekiya ariko arabahenda kugira ngo mwicwe n’inzara n’inyota, ababwira ngo: ‘Yehova Imana yacu azodukiza umwami wa Ashuri+.’ 12 Mbega Hezekiya si we nyene yakuyeho ibibanza vyo gusengeramwo+ Imana yanyu* n’ibicaniro vyayo+, maze akabwira abo mu Buyuda n’i Yeruzalemu ngo: ‘Muzoze murunamira Imana imbere y’igicaniro kimwe kandi kibe ari co mutangako ibimazi+ bifumbe umwotsi’? 13 Mbega ntimuzi ivyo jewe na ba sogokuruza banje twakoreye abantu bo mu bindi bihugu+? Mbega imana z’ayo mahanga zoba zarashoboye kuyakingira ngo sindayatsinde+? 14 Mu mana z’ayo mahanga yose ba sogokuruza banje batikije, ni iyihe yashoboye gukingira abantu bayo ngo sindabatsinde? Mwibaza none ko Imana yanyu ari yo izoshobora kubakingira ngo sindabatsinde+? 15 Hezekiya ntabahende. Ntimwemere ngo abayovye gutyo+. Ntimumwizigire kuko ata mana y’ihanga na rimwe canke y’ubwami na bumwe yashoboye gukingira abantu bayo ngo jewe canke ba sogokuruza banje ntitubatsinde. Hari akantu Imana yanyu! Ntizoshobora kubakingira ngo sindabatsinde+.”»

16 Abasuku ba Senakeribu babandanya kuvuga nabi Yehova Imana y’ukuri n’umusavyi wiwe Hezekiya. 17 Yandika n’amakete+ yo gutuka Yehova Imana ya Isirayeli+ no kumuvuga nabi, agira ati: «Kurya nyene imana z’ayandi mahanga zitakingiye abantu bazo ngo sindabatsinde+, ni ko n’Imana ya Hezekiya itazokingira abantu bayo ngo sindabatsinde.» 18 Baguma basemerera mu rurimi rw’ikiyuda babwira abantu b’i Yeruzalemu bari bahagaze ku ruzitiro, kugira ngo babatere ubwoba bongere babarandure umutima, baheze bafate nya gisagara+. 19 Bavuga nabi Imana y’i Yeruzalemu nk’uko bavuze nabi imana z’ayandi mahanga yo kw’isi zakozwe n’amaboko y’abantu. 20 Mugabo umwami Hezekiya n’umuhanuzi Yesaya+ mwene Amozi, baguma basenga ku bijanye n’ico kintu bongera batabaza Imana yo mw’ijuru+.

21 Nuko Yehova arungika umumarayika atikiza abarwanyi bose b’intwari+, intwazangabo zose, n’abakuru bose bo mw’ikambi y’umwami wa Ashuri, ku buryo asubira mu gihugu ciwe amaramara. Mu nyuma yinjira mu rusengero* rw’imana yiwe, maze bamwe mu bahungu biwe bwite bamusangayo bamwicisha inkota+. 22 Gutyo Yehova akiza Hezekiya n’ababa i Yeruzalemu, abakiza Senakeribu umwami wa Ashuri n’abandi bose, abaha amahoro* impande zose. 23 Maze abantu benshi bazanira ingabire Yehova i Yeruzalemu, bazanira n’ibintu vyizavyiza Hezekiya umwami w’Ubuyuda+, asigara yubahwa cane mu mahanga yose.

24 Muri iyo misi, Hezekiya ararwara agera hafi yo gupfa. Maze asenga Yehova+ na we aramwishura, amuha n’ikimenyetso*+. 25 Mugabo Hezekiya ntiyerekanye ko ashima ivyiza yagiriwe, kuko umutima wiwe wagize ubwibone bigatuma Imana imushavurira, igashavurira n’Ubuyuda na Yeruzalemu. 26 Ariko Hezekiya yicisha bugufi areka ubwibone bwo mu mutima wiwe+, n’ababa i Yeruzalemu bagira ukwo nyene, bituma ishavu rya Yehova ritabazako ku ntwaro ya Hezekiya+.

27 Nuko Hezekiya agira ubutunzi bwinshi cane n’icubahiro cinshi cane+. Yiyubakira ibigega vyo kubikamwo+ ifeza, inzahabu, amabuye y’agaciro, amavuta amota neza*, inkinzo n’ibindi bintu vyizavyiza vyose. 28 Yubaka n’ibigega vyo kubikamwo umwimbu w’intete, umuvinyu mushasha n’amavuta. Yubaka n’impongore z’ubwoko bwose bw’ibitungwa bininibinini na bitobito. 29 Yiyubakira n’ibisagara, yironsa n’inka, impene n’intama vyinshi kuko Imana yamuhaye itunga ryinshi cane. 30 Hezekiya ni we yazibiye isoko ry’amazi+ rya Gihoni+ ryo haruguru maze yerekeza ayo mazi epfo mu burengero bw’igisagara ca Dawidi+. Hezekiya yararoraniwe mu vyo yakoze vyose. 31 Mugabo igihe abavugizi b’abatware b’i Babiloni baza kumubaza ibijanye n’ikimenyetso*+ cari cabaye mu gihugu+, Imana y’ukuri yaramuretse kugira imugeze+ ngo imenye ivyari mu mutima wiwe vyose+.

32 Nayo ibisigaye ku vyerekeye Hezekiya, ni ukuvuga ibikorwa vyose biranga urukundo* yakoze+, vyanditswe mu vyo umuhanuzi Yesaya+ mwene Amozi yeretswe, biri mu Gitabu c’abami b’Ubuyuda n’aba Isirayeli+. 33 Nuko Hezekiya arapfa, maze bamuhamba ku kadugo kaja ku mva z’abakomoka kuri Dawidi+. Ababa mu Buyuda bose n’i Yeruzalemu baza kumuhambana iteka. Umuhungu wiwe Manase aca atangura kuganza mu kibanza ciwe.

33 Manase+ yari afise imyaka 12 igihe yatangura kuganza, maze amara imyaka 55 aganza i Yeruzalemu+.

2 Yakoze ivyo Yehova abona ko ari bibi, yigana imigenzo ishisha y’amahanga Yehova yari yaromoye akabisa Abisirayeli+. 3 Yasubiye kwubaka ibibanza vyo gusengeramwo ibigirwamana* se Hezekiya yari yarasenyuye+, yubakira za Bayali ibicaniro yongera ahingura inkingi nyeranda z’ibiti*, yunamira n’ingabo zose zo kw’ijuru* arazisenga*+. 4 Yarubatse n’ibicaniro mu nzu ya Yehova+ kandi ku vyerekeye iyo nzu, Yehova yari yaravuze ati: «I Yeruzalemu ni ho hazokwama hitirirwa izina ryanje+.» 5 Yarubakiye ibicaniro n’ingabo zose zo kw’ijuru, avyubaka mu bigo bibiri vy’inzu ya Yehova+. 6 Yaranaturiye abahungu biwe bwite abatangako ikimazi*+ mu mubande wa mwene Hinomu+, akora ivy’amageza+, araraguza, aja mu vy’uburozi, ashiraho abakora ivyo guhanuza abapfuye*, ashiraho na ba rumenyi+. Akora ku rugero runini ivyo Yehova abona ko ari bibi, kugira ngo amubabaze.

7 Vyongeye, igishusho yari yahinguye agishira mu nzu y’Imana y’ukuri+, kandi Imana yari yarabwiye Dawidi n’umuhungu wiwe Salomo ku bijanye n’iyo nzu iti: «Muri iyi nzu no mu gisagara ca Yeruzalemu natoye mu miryango yose ya Isirayeli, hazokwama hitirirwa izina ryanje+. 8 Kandi sinzokwongera gukura Abisirayeli mu gihugu nahaye ba sekuruza, nibakurikiza neza amabwirizwa yose nabahaye, bakisunga amategeko yose, ni ukuvuga ivyagezwe vyanje n’ingingo nashinze, ivyo nabahaye biciye kuri Musa.» 9 Manase yagumye yosha nabi abo mu Buyuda n’i Yeruzalemu, atuma bakora ibibi biruta ivyakorwa n’amahanga Yehova yazimanganije igihe Abisirayeli binjira mu gihugu+.

10 Yehova yaguma aburira Manase n’abanyagihugu, mugabo ntibumve+. 11 Nuko Yehova atuma abakuru b’ingabo z’umwami wa Ashuri babatera. Maze Manase bamufatisha ingobe*, bamubohesha amapingu abiri y’umujumpu hanyuma bamujana i Babiloni. 12 Ageze mu marushwa, atakambira Yehova Imana yiwe, aguma yicisha bugufi cane imbere y’Imana ya ba sekuruza. 13 Aguma asenga Imana, na yo igira akagongwe kubera ugutabaza kwiwe. Yumva ugutakamba kwiwe, iraheza imusubiza i Yeruzalemu ku ntebe yiwe y’ubwami+. Maze Manase amenya ko Yehova ari we Mana y’ukuri+.

14 Inyuma y’ivyo, yubakira igisagara ca Dawidi+ uruhome rw’inyuma rurerure cane. Rwaca mu burengero bw’isoko ry’amazi Gihoni+ riri mu mwonga, rukagenda gushika kw’irembo ry’amafi+, rukazunguruka gushika i Ofeli+. Vyongeye, ashira abakuru b’ingabo mu bisagara vyose bikingijwe ibihome vyo mu Buyuda. 15 Aca akura mu nzu ya Yehova imana z’inyamahanga na ca gishusho c’ikigirwamana+, n’ibicaniro vyose yari yarubatse ku musozi w’inzu ya Yehova+ n’i Yeruzalemu, araheza ategeka ko babita hanze y’igisagara. 16 N’ikindi kandi, asanura igicaniro ca Yehova+ maze atangura kugishikanako ibimazi vyo gusangira+ n’ibimazi vyo gukenguruka+. Hanyuma abwira abo mu Buyuda gukorera Yehova Imana ya Isirayeli. 17 Yamara abantu bari bagishikanira ibimazi mu bibanza basengeramwo naho babishikanira gusa Yehova Imana yabo.

18 Nayo ibisigaye ku vyerekeye Manase, ni ukuvuga isengesho yatuye Imana yiwe, n’ivyo abavuga ivyo beretswe n’Imana bamubwiye mw’izina rya Yehova Imana ya Isirayeli, vyanditswe mu nkuru zivuga ivy’abami ba Isirayeli. 19 Vyongeye, isengesho ryiwe+, ukuntu Imana yumvise ugutabaza kwiwe, ibicumuro vyose yakoze n’ingene yahemutse+, ahantu yatunganije ibibanza vyo gusengeramwo akahashinga inkingi nyeranda z’ibiti+ n’ibishusho bibajwe imbere y’uko yicisha bugufi, vyanditswe mu vyavuzwe n’abamubwira ivyo beretswe n’Imana. 20 Nuko Manase arapfa bamuhamba iwe. Maze umuhungu wiwe Amoni atangura kuganza mu kibanza ciwe+.

21 Amoni+ yari afise imyaka 22 igihe yatangura kuganza, maze amara imyaka ibiri aganza i Yeruzalemu+. 22 Yagumye akora ivyo Yehova abona ko ari bibi nka se Manase+. Yarashikaniye ibimazi ibishusho bibajwe vyose se wiwe Manase yari yarakoze+, aguma abisenga*. 23 Mugabo Amoni ntiyicishije bugufi imbere ya Yehova+ nka se Manase+. Ahubwo yarongereje cane ibicumuro vyiwe. 24 Mu nyuma abasuku biwe bategura umugambi wo kumugirira nabi+, maze bamwicira mu nzu iwe. 25 Mugabo abanyagihugu bica abantu bose bari muri uwo mugambi wo kwica umwami Amoni+, maze bimika umuhungu wiwe Yosiya+ ngo aganze mu kibanza ciwe.

34 Yosiya+ yari afise imyaka umunani igihe yatangura kuganza, maze amara imyaka 31 aganza i Yeruzalemu+. 2 Yakoze ivyo Yehova abona ko bigororotse, akora nk’ivyo sekuruza Dawidi yakoze vyose*, ntiyakebereza iburyo canke ibubamfu.

3 Mu mwaka ugira 8 ari umwami, akaba yari akiri muto, atangura kurondera Imana ya sekuruza Dawidi+. Mu mwaka ugira 12 na ho, atangura guhumanura Ubuyuda na Yeruzalemu+, akurayo ibibanza vyo gusengeramwo*+ n’inkingi nyeranda z’ibiti* n’ibishusho bibajwe+ be n’ibishusho bikozwe mu cuma*. 4 Vyongeye, basiturira hasi imbere yiwe ibicaniro vyubakiwe za Bayali. Asitura n’ibishirwako imibavu vyari hejuru ya nya bicaniro. Afata inkingi nyeranda z’ibiti, ibishusho bibajwe be n’ibishusho bikozwe mu cuma* arabimenagura abigira ifu, maze ayimijagira ku mva z’abahora babishikanira ibimazi+. 5 Amagufa y’abaherezi ayaturirira ku bicaniro+ vyabo. Ukwo ni ko yahumanuye Ubuyuda na Yeruzalemu.

6 Vyongeye, mu bisagara biri mu karere ka Manase, aka Efurayimu+, aka Simeyoni gushika mu karere ka Nafutali no mu bibanza bihakikuje vyasambuwe, 7 asiturira hasi ibicaniro, amenagura inkingi nyeranda z’ibiti n’ibishusho bibajwe+, abigira ifu. Asitura ibicaniro vyose baturirirako imibavu vyari mu gihugu cose ca Isirayeli+, araheza asubira i Yeruzalemu.

8 Mu mwaka ugira 18 ari umwami, amaze guhumanura igihugu n’urusengero*, atuma Shafani+ mwene Azaliya, Mayaseya umukuru w’igisagara na Yowa mwene Yehowahazi umwanditsi w’ivyaja biraba, ngo baje gusanasana inzu ya Yehova Imana yiwe+. 9 Baza ku muherezi mukuru Hilikiya bamuha amahera yose yari yazanywe mu nzu y’Imana. Abalewi barinda imiryango ni bo bari bayegeranije bayakuye mu bo mu muryango wa Manase, uwa Efurayimu no mu yindi miryango ya Isirayeli+, mu baba mu Buyuda, mu karere ka Benyamini n’i Yeruzalemu. 10 Maze ayo mahera aca ahabwa abatowe ngo bahagarikire ibikorwa vyo ku nzu ya Yehova. Abakora ivyo bikorwa vyo ku nzu ya Yehova na bo baraheza bayakoresha mu gukomeza no mu gusanasana iyo nzu. 11 Bayahaye ababaji* n’abubatsi kugira ngo bagure amabuye abajwe n’ibiti vyo gushigikiza igisenge, no kugira ngo bubakishe ibigiga amazu abami b’Ubuyuda bari bararetse arononekara+.

12 Kandi abo bagabo bari abizigirwa mu gikorwa bajejwe+. Aba ni bo Balewi bari bagenywe ngo babahagarikire: mu Bamerari+ yari Yahati na Obadiya, mu Bakohati+ na ho yari Zakariya na Meshulamu. Abandi Balewi b’abahinga mu vy’indirimbo+ 13 bari bajejwe abakozi basanzwe*, kandi ni bo bari bahagarikiye abantu bose bakora ibikorwa vy’ubwoko bwose. Hari abandi Balewi bari abanyamabanga, indongozi n’abarinzi b’amarembo+.

14 Igihe bariko barasohora amahera yazanywe ku nzu ya Yehova+, umuherezi Hilikiya yarubuye igitabu c’amategeko ya Yehova+ yatanzwe biciye kuri Musa*+. 15 Nuko Hilikiya abwira umunyamabanga Shafani ati: «Natoye igitabu c’amategeko mu nzu ya Yehova.» Hilikiya aca agiha Shafani. 16 Maze Shafani azanira ico gitabu umwami, amubwira ati: «Abasuku bawe bariko barakora ivyo basabwe gukora vyose. 17 Begeranije* amahera yari mu nzu ya Yehova, baca bayaha abatowe ngo bahagarikire ibikorwa be n’abariko barabikora.» 18 Umunyamabanga Shafani yongerako ati: «Hari igitabu umuherezi Hilikiya yampaye+.» Nuko Shafani atangura kugisomera imbere y’umwami+.

19 Umwami ngo yumve ibivugwa muri ayo mategeko, aca yitaburirako impuzu+. 20 Araheza ategeka Hilikiya na Ahikamu+ mwene Shafani na Abudoni mwene Mika n’umunyamabanga Shafani na Asaya umusuku w’umwami ati: 21 «Nimugende mumbarize Yehova, mubarize n’abasigaye muri Isirayeli no mu Buyuda ibijanye n’amajambo yo mu gitabu catowe. Yehova azodusukako ishavu ryinshi cane kuko ba sogokuruza batashize mu ngiro ijambo rya Yehova. Ntibubahirije ibintu vyose vyanditswe muri iki gitabu+.»

22 Nuko Hilikiya n’abo umwami yarungitse baja ku muhanuzikazi+ Hulida, muka Shalumu mwene Tikiva, Tikiva mwene Harihasi. Shalumu yari ajejwe ivyambarwa*. Hulida yaba mu gace ka kabiri k’igisagara ca Yeruzalemu. Aho ni ho bavuganiye+. 23 Na we ababwira ati: «Yehova Imana ya Isirayeli avuze ati: “Mubwire umugabo yabantumyeko muti: 24 ‘Yehova avuze ati: “Ngira nteze ivyago aha hantu n’abahaba+, ndabazaneko imivumo yose yanditswe muri ico gitabu+ basomeye imbere y’umwami w’Ubuyuda. 25 Nzosuka ishavu ryanje aha hantu nk’umuriro udashobora kuzima+, kubera ko abaho bampevye+, bakaba bashikanira izindi mana ibimazi bigafumba umwotsi. Ivyo babigira kugira ngo bambabaze+ biciye ku vyo bakora vyose.”’ 26 Ariko mubwire umwami w’Ubuyuda yabatumye kubaza Yehova muti: ‘Ku bijanye n’amajambo wumvise+, ng’ibi ivyo Yehova Imana ya Isirayeli avuze: 27 “Wumvise ivyo navuze ku bijanye n’aha hantu n’abahaba, biragukora ku mutima*. Waciye wicisha bugufi imbere yanje jewe Imana yawe, uraheza witaburirako impuzu uririra imbere yanje. Nanje rero nakwumvise+, ni jewe Yehova ndabivuze. 28 Ni co gituma nzoreka ukipfira* bakaguhamba mu mva yawe amahoro, kandi amaso yawe ntazobona ivyago vyose nzoteza aha hantu n’abahaba+.”’”»

Nuko bazanira umwami iyo nyishu. 29 Maze umwami atumako abashingantahe bose bo mu Buyuda n’i Yeruzalemu+. 30 Hanyuma umwami araduga aja ku nzu ya Yehova ari kumwe n’abagabo bo mu Buyuda bose, ababa i Yeruzalemu, abaherezi n’Abalewi, ni ukuvuga abantu bose, baba abato canke abahambaye*. Abasomera amajambo yose yo muri ca gitabu c’isezerano bari batoye mu nzu ya Yehova+. 31 Umwami ahagarara mu kibanza ciwe, asezeranira*+ imbere ya Yehova yuko azogamburukira Yehova, akubahiriza amabwirizwa yiwe, ivyibutswa vyiwe n’amategeko yiwe. Asezerana kuzobigira n’umutima wiwe wose n’ubuzima bwiwe bwose+, agakurikiza ivyanditswe muri ico gitabu+ c’isezerano. 32 Vyongeye, aremesha ababa i Yeruzalemu bose no mu karere ka Benyamini ngo baryemere. Nuko ababa i Yeruzalemu bakurikiza isezerano ry’Imana, Imana ya ba sekuruza babo+. 33 Maze Yosiya akura ibintu bishisha* mu turere twose twegukira Abisirayeli+, afasha ababa muri Isirayeli bose gukorera Yehova Imana yabo. Imisi yose yamaze akiriho, bagumye bakurikira Yehova Imana ya ba sekuruza.

35 Maze Yosiya ahimbariza Pasika+ Yehova i Yeruzalemu. Bakerera ibitungwa vy’ikimazi ca Pasika+ ku musi ugira 14 w’ukwezi kwa mbere+. 2 Ashira abaherezi mu bikorwa bari bajejwe yongera abaremesha kwitwararika igikorwa barangura mu nzu ya Yehova+. 3 Hanyuma abwira Abalewi, abari bajejwe kwigisha muri Isirayeli yose+, bakaba kandi bari beranda imbere ya Yehova ati: «Nimushire isandugu nyeranda mu nzu Salomo mwene Dawidi umwami wa Isirayeli yubatse+. Ntibigikenewe ko muyirerura ku bitugu+. Ubu rero nimukorere Yehova Imana yanyu n’abantu biwe b’Abisirayeli. 4 Mwitegure mwisunze imiryango muvamwo n’imigwi mukoreramwo, mukurikije ivyanditswe na Dawidi+ umwami wa Isirayeli be n’umuhungu wiwe Salomo+. 5 Nimuhagarare ahantu heranda mu migwi mukurikije imigwi mikurumikuru igize umuryango w’Abalewi, kugira ngo umwumwe wose mu migwi mikurumikuru igize imiryango y’abandi Bisirayeli benewanyu uronke umugwi w’Abalewi ubakorera. 6 Muheze mukerere ibitungwa vy’ikimazi ca Pasika+, mwiyeze mwongere mwitegurire benewanyu kugira ngo mukore ivyo Yehova yavuze biciye kuri Musa.»

7 Nuko Yosiya aha abantu intererano igizwe n’imyagazi y’intama y’amasuguru n’imyagazi y’impene y’amasuguru 30.000, ngo babitange nk’ikimazi ca Pasika ku bw’abari ng’aho bose, abaha n’inka 3.000. Ivyo vyavuye mu vyo umwami yari atunze+. 8 Abatware biwe na bo batanga intererano ku bw’abantu, abaherezi n’Abalewi, bayitanga nk’ishikanwa umuntu atanga avyishakiye. Abakuru bari bahagarikiye inzu y’Imana y’ukuri ari bo Hilikiya+, Zakariya na Yehiyele, bahaye abaherezi intama n’impene 2.600 nk’ikimazi ca Pasika, babaha n’inka 300. 9 Konaniya na benewabo ari bo Shemaya na Netaneli, hamwe na Hashabiya, Yeyeli na Yozabadi, baterereye Abalewi intama n’impene 5.000 nk’ikimazi ca Pasika n’inka 500. Abo bose bari abakuru b’Abalewi.

10 Nuko imyiteguro irarangira. Abaherezi bahagarara mu bibanza vyabo, Abalewi na bo bahagarara bisunze imigwi+ bakoreramwo nk’uko umwami yabitegetse. 11 Bakerera ibitungwa vy’ikimazi ca Pasika+, maze abaherezi bamijagira ku gicaniro amaraso bahawe n’Abalewi+. Ico gihe, Abalewi bariko bakura inshato ku bitungwa+. 12 Mu nyuma bategura amashikanwa aturirwa kugira ngo bayahe abantu. Abo bantu bari batondetswe hakurikijwe imigwi mikurumikuru igize imiryango bavamwo. Ayo mashikanwa yari ayo gushikanira Yehova nk’uko vyanditswe mu gitabu ca Musa. Bagira gutyo no ku nka. 13 Maze bateka* ishikanwa rya Pasika ku muriro nk’uko vyari bisanzwe bigirwa+, bateka n’ayandi mashikanwa meranda mu nkono, mu bisafuriya no mu mapanu. Baca bayazanira ningoga abandi Bisirayeli bose. 14 Maze Abalewi bategura ivyabo n’ivy’abaherezi bakomoka kuri Aroni kubera ko abo baherezi bagumye bashikana ibimazi biturirwa be n’ibihimba binuze gushika ku mugoroba. Abalewi rero baciye bategura ivyabo n’ivy’abaherezi bakomoka kuri Aroni.

15 Abaririmvyi bakomoka kuri Asafu+ bari mu bibanza vyabo bakurikije itegeko ryatanzwe na Dawidi+, Asafu+, Hemani na Yedutuni+ umwe yamenyesha umwami ivyo Imana yamweretse. Abarinzi b’amarembo na bo bari ku marembo atandukanye+. Ntivyabaye ngombwa ko bava ku gikorwa cabo, kuko Abalewi benewabo babateguriye ivya Pasika. 16 Nuko kuri uwo musi, barangiza gutegura ibintu vyose Yehova yasaba kugira ngo bahimbaze Pasika+ no kugira ngo batange amashikanwa aturirwa ku gicaniro ca Yehova, nk’uko umwami Yosiya yari yabitegetse+.

17 Ico gihe Abisirayeli bari ng’aho bahimbaza Pasika, bahimbaza n’umusi mukuru w’imikate itarimwo umwambiro mu kiringo c’imisi indwi+. 18 Ntihari bwigere hahimbazwa Pasika mwene iyo muri Isirayeli kuva mu misi y’umuhanuzi Samweli. Kandi nta n’umwe mu bandi bami ba Isirayeli yahimbaje Pasika nk’iyahimbajwe na Yosiya+, abaherezi, Abalewi, abo mu Buyuda n’abo muri Isirayeli bose bari ng’aho be n’ababa i Yeruzalemu. 19 Iyo Pasika yahimbajwe mu mwaka ugira 18 Yosiya ari umwami.

20 Inyuma y’ivyo vyose, Yosiya amaze gusanura urusengero*, Neko+ umwami wa Misiri aduga kurwana i Karikemishi hafi y’uruzi Efurate. Maze Yosiya aja kumurwanya+. 21 Umwami wa Misiri arungika intumwa kumubwira ziti: «Dupfa iki ga mwami w’Ubuyuda? Si wewe nje kurwanya uno musi, nje kurwanya ikindi gihugu, kandi Imana yambwiye ngo nihute. Ku neza yawe rero, nureke kurwanya Imana kuko iri kumwe nanje, ahandiho irakwica.» 22 Yamara Yosiya yanka gusubira inyuma ngo amureke. Mugabo ariyoberanya+ kugira aje kumurwanya, yanka kwumva ivyo Neko amubwiye kandi vyari bivuye ku Mana. Nuko aza kurwanira mu kiyaya ca Megido+.

23 Maze abarasisha umuheto barasa umwami Yosiya, aca abwira abasuku biwe ati: «Nimunkure ng’aha kuko nakomeretse cane.» 24 Abasuku biwe baca bamukura mu mukogote yarimwo maze bamwuriza mu mukogote wiwe w’intambara ugira kabiri, bamuzana i Yeruzalemu. Nuko Yosiya arapfa, ahambwa aho bahamvye ba sekuruza+. Abo mu Buyuda bose n’i Yeruzalemu baramugandarira. 25 Yeremiya+ aririmbira Yosiya indirimbo y’intimba, kandi abaririmvyi n’abaririmvyikazi bose+ baracaririmba Yosiya mu turirimbo twabo tw’intimba gushika n’uyu musi. Nuko hafatwa ingingo y’uko utwo turirimbo tuza turaririmbwa muri Isirayeli, kandi turanditswe mu gitabu c’uturirimbo tw’intimba.

26 Nayo ibisigaye ku vyerekeye Yosiya n’ivyiza yakoze* mu kuguma yubahiriza ivyanditswe mu mategeko ya Yehova, 27 be n’ibindi vyose yakoze kuva ku ntango gushika kw’iherezo, vyanditswe mu Gitabu c’abami ba Isirayeli n’ab’Ubuyuda+.

36 Maze abanyagihugu bafata Yehowahazi+ mwene Yosiya bamugira umwami ngo aganze i Yeruzalemu mu kibanza ca se+. 2 Yehowahazi yabaye umwami afise imyaka 23, maze amara amezi atatu aganza i Yeruzalemu. 3 Ariko umwami wa Misiri amukura ku butegetsi i Yeruzalemu hanyuma igihugu agica amande y’italanto* 100 z’ifeza n’italanto imwe y’inzahabu+. 4 Neko umwami wa Misiri araheza yimika Eliyakimu mwenewabo na Yehowahazi ngo aganze Ubuyuda na Yeruzalemu, maze ahindura izina ryiwe amwita Yehoyakimu. Mugabo Neko+ aca afata mwenewabo Yehowahazi amujana mu Misiri+.

5 Yehoyakimu+ yabaye umwami afise imyaka 25, maze amara imyaka 11 aganza i Yeruzalemu. Yagumye akora ivyo Yehova Imana yiwe abona ko ari bibi+. 6 Nebukadinezari+ umwami wa Babiloni aza kumutera kugira ngo amuboheshe amapingu abiri y’umujumpu aheze amutware i Babiloni+. 7 Maze Nebukadinezari atora bimwe mu bikoresho vyo mu nzu ya Yehova abitwara i Babiloni, abishira mu kirimba ciwe aho i Babiloni+. 8 Nayo ibisigaye ku vyerekeye Yehoyakimu, ni ukuvuga ibintu bishisha yakoze n’ibindi bibi vyamubonetseko, vyanditswe mu Gitabu c’abami ba Isirayeli n’ab’Ubuyuda. Umuhungu wiwe Yehoyakini aca atangura kuganza mu kibanza ciwe+.

9 Yehoyakini+ yabaye umwami afise imyaka 18, maze amara amezi atatu n’imisi cumi aganza i Yeruzalemu. Yagumye akora ivyo Yehova abona ko ari bibi+. 10 Mu ntango z’umwaka*, umwami Nebukadinezari atuma abantu biwe ngo bamuzane i Babiloni+. Baza bazanye n’ibintu vy’agaciro vyo mu nzu ya Yehova+. Maze yimika Zedekiya sewabo wa Yehoyakini, ngo abe umwami w’Ubuyuda na Yeruzalemu+.

11 Zedekiya+ yabaye umwami afise imyaka 21, maze amara imyaka 11 aganza i Yeruzalemu+. 12 Yagumye akora ivyo Yehova Imana yiwe abona ko ari bibi. Ntiyicishije bugufi imbere y’umuhanuzi Yeremiya+ yavuga ivyo Yehova amubwiye. 13 Yaranagararije umwami Nebukadinezari+ kandi yari yaramurahije mw’izina ry’Imana. Yagumye ari intagondwa*, akomantaza umutima, yanka kugamburukira Yehova Imana ya Isirayeli. 14 Abakuru bose b’abaherezi n’abantu barahemutse bimwe bidasanzwe, bakora ibintu vyose bishisha ayandi mahanga yakora, bahumanya n’inzu ya Yehova+, inzu yari yarejeje i Yeruzalemu.

15 Yehova Imana ya ba sekuruza yaguma ababurira biciye ku ntumwa ziwe, akababurira incuro n’izindi, kuko yumvira impuhwe abantu biwe n’urusengero rwiwe*. 16 Mugabo baguma bashinyagurira izo ntumwa z’Imana y’ukuri+, bagasuzugura ivyo ibabwiye+ bakongera bagatwenga abahanuzi bayo+, gushika aho bataba bakivayo*. Maze ishavu rya Yehova riza ku bantu biwe+.

17 Nuko Imana ituma umwami w’Abakaludaya+ aza kubatera, yicisha+ inkota imisore yabo mu nzu yabo nyeranda+, ntiyumvira akagongwe umusore canke umwigeme, uwushaje canke uwugoyagoya+. Imana yaramuhaye vyose+. 18 Afata ibikoresho vyose vyo mu nzu y’Imana y’ukuri, vyaba binini canke bito, be n’amatungo yari mu nzu ya Yehova, ay’umwami n’ay’abatware biwe, vyose abijana i Babiloni+. 19 Aturira inzu y’Imana y’ukuri+, asiturira hasi uruzitiro rwa Yeruzalemu+, aturira iminara yaho ikomeye, atikiza n’ibintu vyaho vy’agaciro vyose+. 20 Abatishwe n’inkota abatwara i Babiloni ari imbohe+, baba abasuku biwe+ n’abasuku b’abahungu biwe gushika intwaro* y’Ubuperesi itanguye kuganza+, 21 kugira ngo ivyo Yehova yavuze biciye kuri Yeremiya+ biranguke, gushika igihugu cishuye amasabato yaco+. Imisi yose camaze ari umusaka* carubahirije isabato, gushika imyaka 70 irangiye+.

22 Mu mwaka wa mbere Kuro+ umwami w’Ubuperesi aganza, Yehova atuma uwo mwami* asohora itangazo mu bwami bwose aganza, kugira ivyo Yehova yavuze biciye kuri Yeremiya+ biranguke. Iryo tangazo yaranaryandikishije+. Ryavuga riti: 23 «Kuro umwami w’Ubuperesi avuze ati: “Yehova Imana yo mw’ijuru yarampaye ubwami bwose bwo mw’isi+, kandi yanshinze igikorwa co kumwubakira inzu i Yeruzalemu mu Buyuda+. Umuntu wese muri mwebwe azi ko ari uwo mu bantu biwe, Yehova Imana yiwe nabane na we, aduge ajeyo+.”»

Raba Insiguro y’amajambo (Imigwi mikurumikuru igize imiryango).

Mu giheburayo havuga ngo «ikibanza gitaramutse.» Raba Insiguro y’amajambo (Ibibanza bitaramutse).

Canke «ni ho bama basiguriza Imana.»

Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»

Canke «ubwenge.»

Mu giheburayo havuga ngo «gusohoka imbere y’aba bantu no kwinjira.»

Canke «ubuzima.»

Mu giheburayo havuga ngo «imisi myinshi.»

Canke «abagendera ku mafarasi.»

Canke «abagendera ku mafarasi.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «amafarasi ya Salomo bayakura mu Misiri n’i Kuwe. Abadandaza b’umwami bayagura i Kuwe.» I Kuwe hashobora kuba hari i Silisiya.

Mu giheburayo havuga ngo «inzu.»

Canke «bikorera imizigo.»

Canke «ikirimba.»

Canke «ndayeze ibe rwiwe.»

Ni imikate y’ishikanwa.

Ni ibara risa n’ibitore bita ibiringanya (oberjine).

Canke «z’agahama.»

Umuberoshi ni igiti gishaka kumera nk’akajwari. Mu gifaransa bacita genévrier.

Ni igiti ciza bakoramwo ibintu vyiza cane.

Koro imwe yaja mu kintu c’amalitiro 220. Raba Inyongera ya B14.

Sayiri ni ubwoko bw’ingano.

Bati imwe yangana n’amalitiro 22. Raba Inyongera ya B14.

Mu giheburayo havuga ngo «yahinguye.»

Canke «ugutegera.»

Canke «ugutegera.»

Canke «z’agahama.»

Canke «bikorera imizigo.»

Cari ikibanza kiri mu murima bakubitirako ivyimburwa vy’intete.

Yari intambwe y’ukuboko uciriye mu nkokora. Intambwe isanzwe yareha na santimetero 44,5. Mugabo hari abiyumvira ko iyo ngero ya kera yari intambwe ndende ireha na santimetero 51,8. Raba Inyongera ya B14.

Canke «ibaraza ry’imbere ryareha n’intambwe 20 z’ubwaguke bw’iyo nzu.»

Imizingo imwimwe ya kera ivuga «120», iyindi mizingo na yo hamwe n’izindi Bibiliya bikavuga «intambwe 20.»

Mu giheburayo havuga ngo «ku bigiga.»

Mu giheburayo havuga ngo «inzu.»

Italanto imwe yangana n’ibilo 34,2. Raba Inyongera ya B14.

Shekeli imwe yangana n’amagarama 11,4. Raba Inyongera ya B14.

Mu giheburayo havuga ngo «ya nzu.»

Ni ibara risa n’ibitore bita ibiringanya (oberjine).

Canke «z’agahama.»

Canke «ayishirako amashusho y’abakerubi.»

Canke «mu bumanuko.»

Canke «mu buraruko.»

Iryo zina risobanura ngo «[Yehova] nashimangire.»

Iryo zina rishobora kuba risobanura ngo «mu nkomezi.»

Yari intambwe y’ukuboko uciriye mu nkokora.

Ni nka santimetero 7,4. Raba Inyongera ya B14.

Ni nk’amalitiro 66.000. Bati imwe yangana n’amalitiro 22. Raba Inyongera ya B14.

Canke «inkorofani z’amazi.»

Mu giheburayo havuga ngo «Hiramu-Abivu.»

Canke «iminengo.»

Ni utuntu bakoresha mu kuzimya urutambi.

Mu giheburayo havuga ngo «inzu y’urusengero.»

Canke «yaragize vyeranda.»

Ni umusi mukuru w’insago.

Canke «abaherezi b’Abalewi.»

Mu giheburayo havuga ngo «inzu.»

Canke «iminiho yayo.»

Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»

Mu giheburayo havuga ngo «yashikije n’amaboko yiwe.»

Mu giheburayo havuga ngo «yavuze n’akanwa kiwe.»

Mu giheburayo havuga ngo «umuhungu wawe azova mu kiyunguyungu cawe.»

Yari intambwe y’ukuboko uciriye mu nkokora. Intambwe imwe yangana na santimetero 44,5. Raba Inyongera ya B14.

Canke «rudahemuka.»

Mu giheburayo havuga ngo «bagendera imbere yawe.»

Mu giheburayo havuga ngo «nk’uko wagendeye imbere yanje.»

Canke «hari aho mugenziwe yomutegeka kwihamagarirako umuvumo.» Yari indahiro yatuma umuntu yisabira igihano c’umuvumo aramutse arahiye ibinyoma canke akarenga ku ndahiro yiwe.

Mu giheburayo havuga ngo «umugororotsi uvuge ko ari umugororotsi.»

Canke «wabateje amagorwa.»

Raba Insiguro y’amajambo.

Canke «akaza kubera ukuntu uzwi cane.»

Mu giheburayo havuga ngo «kuramvuye.»

Mu giheburayo havuga ngo «ubatunganirize.»

Mu giheburayo havuga ngo «ubatunganirize.»

Canke «igihe tugusenga ku biraba iki kibanza.»

Raba Insiguro y’amajambo (Kurobanura).

Canke «rudahemuka.»

Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»

Bashobora kuba ari Abalewi.

Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»

Canke «ku bwinjiriro bwa Hamati.»

Raba Insiguro y’amajambo.

Ni ku musi ukurikira uwo musi mukuru, ni ukuvuga ku musi ugira 15.

Mu giheburayo havuga ngo «inzu.»

Mu giheburayo havuga ngo «bakarondera mu maso hanje.»

Mu giheburayo havuga ngo «gukorera.»

Canke «bazosigara bayicako umugani.»

Mu giheburayo havuga ngo «barazikorera.»

Mu giheburayo havuga ngo «inzu.»

Canke «asubira kwubaka.»

Raba Insiguro y’amajambo.

Canke «vyararangiye.»

Canke «imeri.» Imeri ni ubwato bunini.

Italanto imwe yangana n’ibilo 34,2. Raba Inyongera ya B14.

Canke «ubupfindo.»

Canke «amavuta yo gusomora.» Raba Insiguro y’amajambo (Amavuta yo gusomora).

Mu giheburayo havuga ngo «nta na kimwe cari ikinyegezwa ku mwami.»

Canke «ubwenge.»

Mu giheburayo havuga ngo «impemu ziramuherana.»

Canke «ivyo wavuze.»

Canke «mu bugororotsi.»

Italanto imwe yangana n’ibilo 34,2. Raba Inyongera ya B14.

Canke «amavuta yo gusomora.»

Ni igiti ciza bakoramwo ibintu vyiza cane.

Canke «ikirimba.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «ivyo yabimuhaye hampande y’ivyo yamugabiye binganya agaciro n’ivyo uwo mwamikazi yari yamuzaniye.»

Shekeli imwe yangana n’amagarama 11,4. Raba Inyongera ya B14.

Abarasisha umuheto ni bo bakunda gukoresha mwene izo nkizo.

Imina ivugwa mu Vyanditswe vy’igiheburayo yapima amagarama 570. Raba Inyongera ya B14.

Amasenge ni amenyo y’ibikoko bimwebimwe nk’inzovu n’ibindi.

Canke «imeri.» Imeri ni ubwato bunini.

Ni ibinyoni bifise amabara meza cane vyo mu bwoko bw’inkware.

Canke «amavuta yo gusomora.»

Canke «inyumpu.» Ni igikoko kivuka ku ndogobwa n’ifarasi.

Canke «abagendera ku mafarasi.»

Ni uruzi Efurate.

Canke «uwavuga ivyo yeretswe n’Imana.»

Mu giheburayo havuga ngo «aryama hamwe na ba sekuruza.»

Canke «w’amananiza.»

Canke «abashingantahe.»

Canke «abashingantahe.»

Vyari ibimoko biriko udupfundo canke utuntu dusongoye. Vyari bimeze nk’umurizo w’agakoko kitwa akamina (scorpion).

Canke «abashingantahe.»

Mu giheburayo havuga ngo «ewe Dawidi.»

Mu giheburayo havuga ngo «basubira ku mahema yabo.»

Mu 1Bm 4:6 yitwa Adoniramu, mu 1Bm 12:18 akitwa Adoramu.

Biboneka ko ari Abisirayeli bo mu miryango cumi yo mu buraruko.

Mu giheburayo havuga ngo «bacaguwe.»

Canke «yakomeje.»

Mu giheburayo havuga ngo «ibibanza bitaramutse.»

Canke «amadayimoni ameze nk’impene.» Mu giheburayo havuga ngo «impene.»

Canke «ugutegera.»

Canke «akwiragiza.»

Mu giheburayo havuga ngo «ubwami.»

Canke «ku kirimba.»

Mu giheburayo havuga ngo «abirutsi.»

Mu giheburayo havuga ngo «batowe.»

Mu giheburayo havuga ngo «batowe.»

Mu giheburayo havuga ngo «isezerano ry’umunyu.» Ni ukuvuga isezerano ryamaho kandi ridahinduka.

Mu giheburayo havuga ngo «yaza kwuzuza ukuboko kwiwe afise.»

Ni imikate y’ishikanwa.

Mu giheburayo havuga ngo «batowe.»

Mu giheburayo havuga ngo «bishimikije.»

Canke «tuhakikuje.»

Canke «yasiguye.»

Mu giheburayo havuga ngo «mu karuhuko.»

Mu giheburayo havuga ngo «ibibanza bitaramutse.»

Raba Insiguro y’amajambo.

Mu giheburayo havuga ngo «ibibanza bitaramutse.»

Mu giheburayo havuga ngo «akaruhuko.»

Mu giheburayo havuga ngo «imiryango igizwe n’inzugi zibirizibiri.»

Mu giheburayo havuga ngo «akaruhuko.»

Abarasisha umuheto ni bo bakunda gukoresha mwene izo nkinzo.

Mu giheburayo havuga ngo «guhonyora umuheto (igihe bawambika uruvuto).»

Mu giheburayo havuga ngo «baba ari benshi.»

Mu giheburayo havuga ngo «twishimikije.»

Canke «azobafasha mumuronke.»

Mu giheburayo havuga ngo «imisi myinshi.»

Canke «arabafasha baramuronka.»

Mu giheburayo havuga ngo «nta mahoro yariho ku wasohoka canke ku winjira.»

Mu giheburayo havuga ngo «amaboko yanyu ntakoroke.»

Canke «arabafasha baramuronka.»

Mu giheburayo havuga ngo «akaruhuko.»

Canke «umugore w’iteka.»

Raba Insiguro y’amajambo.

Mu giheburayo havuga ngo «ibibanza bitaramutse.»

Canke «n’umutima ukwiye.»

Mu giheburayo havuga ngo «mu misi yiwe.»

Canke «akomeza», «asubira kwubaka.»

Canke «uwusohoka canke uwinjira.»

Canke «ikirimba.»

Canke «gukomeza», «gusubira kwubaka.»

Canke «abikoresha mu gukomeza», «abikoresha mu gusubira kwubaka.»

Mu giheburayo havuga ngo «wishimikije.»

Mu giheburayo havuga ngo «kwishimikiza.»

Canke «kugira ngo ashigikire.»

Canke «n’umutima ukwiye.»

Mu giheburayo havuga ngo «mu nzu y’impatane z’ibiti.»

Canke «amavuta yo gusomora.» Raba Insiguro y’amajambo (Amavuta yo gusomora).

Biboneka ko bataturiye ikiziga ca Asa, ahubwo baturiye ibintu bimota neza.

Mu giheburayo havuga ngo «yagendera mu nzira za kera.»

Mu giheburayo havuga ngo «akagendera mw’ibwirizwa ryayo.»

Mu giheburayo havuga ngo «ibibanza bitaramutse.»

Raba Insiguro y’amajambo.

Canke «ikibuguro.» Raba Insiguro y’amajambo (Ikibuguro).

Canke «aramuhendahenda.»

Cari ikibanza bakubitirako ivyimburwa vy’intete.

Canke «gusunika.»

Mu giheburayo havuga ngo «impwemu.»

Mu giheburayo havuga ngo «ndagenda nihindure impwemu y’ikinyoma mu kanwa k’abahanuzi biwe bose.»

Mu giheburayo havuga ngo «yashize impwemu y’ikinyoma mu kanwa k’abahanuzi bawe bose.»

Mu giheburayo havuga ngo «umukate.»

Mu giheburayo havuga ngo «mw’ikambi.»

Canke «ku kirimba.»

Raba Insiguro y’amajambo.

Canke «kandi umutima wawe ukaba wiyemeje kurondera.»

Canke «umutima ukwiye.»

Canke «ahezagire iciza mukora.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «Abameyuni.»

Biboneka ko ari ikiyaga c’Umunyu.

Canke «arabisha amaso ku kurondera.»

Mu giheburayo havuga ngo «urubuto.»

Mu giheburayo havuga ngo «abahungu.»

Canke «abarokora.»

Canke «murindireko.»

Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»

Mu giheburayo havuga ngo «bahezagira.»

Iryo zina risobanura ngo «umuhezagiro.»

Mu giheburayo havuga ngo «akaruhuko.»

Mu giheburayo havuga ngo «ibibanza bitaramutse.»

Canke «imeri.» Imeri ni ubwato bunini.

Canke «umuryango wa cami.» Mu giheburayo havuga ngo «inzu.»

Ni ukuvuga uwumukomokako.

Mu giheburayo havuga ngo «ibibanza bitaramutse.»

Canke «yatumye ababa i Yeruzalemu bakorana ubumaraya n’izindi mana.» Raba Insiguro y’amajambo (Umumaraya).

Canke «ababa i Yeruzalemu bakorana ubumaraya n’izindi mana.»

Mu giheburayo havuga ngo «impwemu y’Abafilisitiya.»

Canke «ku kirimba.»

Yitwa kandi Ahaziya.

Mu giheburayo havuga ngo «umukobwa.»

Mu giheburayo havuga ngo «Rama.» Ni izina Ramoti-Gileyadi rivunaguye.

Mu mizingo imwimwe y’igiheburayo yitwa Azariya.

Canke «yari yarakomeretse.»

Mu giheburayo havuga ngo «umuhungu.»

Raba Insiguro y’amajambo (Kurobanura).

Canke «abahungu ba benewabo.»

Mu giheburayo havuga ngo «yarondeye.»

Mu giheburayo havuga ngo «urubuto rwose rw’ubwami.»

Mu giheburayo havuga ngo «yiba.»

Canke «ku kirimba.»

Mu giheburayo havuga ngo «mu nzu.»

Mu giheburayo havuga ngo «igihe asohotse n’igihe yinjiye.»

Abarasisha umuheto ni bo bakunda gukoresha mwene izo nkinzo.

Canke «ikirwanisho batera.»

Mu giheburayo havuga ngo «bamushirako na ca cabona.»

Raba Insiguro y’amajambo (Kurobanura).

Canke «ni bo batanga ikimenyetso co gushemeza.»

Mu giheburayo havuga ngo «uwumukurikira.»

Mu giheburayo havuga ngo «ku nzu y’umwami.»

Mu giheburayo havuga ngo «ku nzu.»

Mu giheburayo havuga ngo «ihema ryeranda ry’icabona.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «gushika bose batanze.»

Mu giheburayo havuga ngo «amaze gusaza, ahaze imisi.»

Mu giheburayo havuga ngo «gukorera.»

Raba Insiguro y’amajambo.

Canke «bashinga intahe yo kubagiriza.»

Mu giheburayo havuga ngo «itwikira.»

Canke «urukundo rudahemuka (rudahera) rwa Yehoyada.»

Abo ni Abasiriya.

Canke «basize arwaye indwara nyinshi.»

Canke «umuhungu.» Kuba hakoreshejwe ubwinshi bishobora kuba vyerekana icubahiro.

Mu giheburayo havuga ngo «gushinga umushinge w’inzu.»

Canke «vyasiguwe.»

Mu giheburayo havuga ngo «bacaguwe.»

Italanto imwe yangana n’ibilo 34,2. Raba Inyongera ya B14.

Canke «ingo duhangane.»

Mu giheburayo havuga ngo «waratsinze.»

Canke «ku kirimba iwawe.»

Mu giheburayo havuga ngo «ku mahema yiwe.»

Yitwa kandi Ahaziya.

Ni nk’imetero 178. Raba Inyongera ya B14.

Hashobora kandi kuvugwa ngo «hamwe na Obedi-Edomu.»

Canke «ikirimba.»

Ni ukuvuga se Amaziya.

Canke «ikibuguro.» Raba Insiguro y’amajambo (Ikibuguro).

Ashobora kuba yimvye mu rutare.

Canke «mw’itaba.»

Mu giheburayo havuga ngo «inzu y’umwami.»

Italanto imwe yangana n’ibilo 34,2. Raba Inyongera ya B14.

Koro imwe yaja mu kintu c’amalitiro 220. Raba Inyongera ya B14.

Canke «yari yateguye inzira ziwe imbere ya Yehova.»

Canke «mu cuma bashongesheje.»

Raba Insiguro y’amajambo (Gehena).

Mu giheburayo havuga ngo «mu bibanza bitaramutse.»

Mu giheburayo havuga ngo «ku nzu.»

Canke «batowe bakavugwa amazina.»

Canke «isandari.»

Canke «tuhakikuje.»

Canke «ikirimba.»

Canke «mu masanganzira yose.»

Canke «bakabatwenga.»

Canke «kwiruhukira», «kwanjanjwa.»

Ni imikate y’ishikanwa.

Mu giheburayo havuga ngo «ubwami.»

Canke «batangirwe impongano.» Raba Insiguro y’amajambo (Impongano).

Mu giheburayo havuga ngo «mwujuje ukuboko kwanyu.»

Canke «afise umutima ukunze.»

Mu giheburayo havuga ngo «bari bafise umutima ugororotse ku bijanye no kwiyeza.»

Canke «categuwe.»

Mu giheburayo havuga ngo «abirutsi.»

Canke «ubuntu.»

Canke «ntazobakurako amaso.»

Mu giheburayo havuga ngo «abirutsi.»

Mu giheburayo havuga ngo «ibaha umutima umwe.»

Mu giheburayo havuga ngo «akiza.»

Mu giheburayo havuga ngo «abwira umutima w’Abalewi.»

Canke «ukwiyubara.»

Raba Insiguro y’amajambo.

Mu giheburayo havuga ngo «ibibanza bitaramutse.»

Mu giheburayo havuga ngo «y’amakambi.»

Canke «bihebere rwose.»

Canke «umushuzo.»

Canke «vyagizwe vyeranda bihabwa.»

Canke «uburiro.»

Canke «batowe bakavugwa amazina.»

«Milo» ni ijambo ry’igiheburayo risobanura «kwuzuza.» Ni ikintu kimeze nk’agasozi gishobora kuba cubatswe kugira gikingire igisagara.

Canke «ibirwanisho batera.»

Raba Insiguro y’amajambo.

Mu giheburayo havuga ngo «abwira umutima wabo.»

Mu giheburayo havuga ngo «ukuboko kw’umubiri.»

Canke «afise ububasha bwiwe bwose bwa gisirikare n’iteka ryiwe.»

Mu giheburayo havuga ngo «ibibanza vyayo bitaramutse.»

Mu giheburayo havuga ngo «mu nzu.»

Mu giheburayo havuga ngo «akaruhuko.»

Canke «ikimenyamenya.»

Canke «amavuta yo gusomora.» Raba Insiguro y’amajambo (Amavuta yo gusomora).

Canke «ikimenyamenya.»

Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»

Mu giheburayo havuga ngo «ibibanza bitaramutse.»

Raba Insiguro y’amajambo.

Izo ngabo ni izuba, ukwezi, inyenyeri n’ibindi bisyo vyo mu kirere.

Mu giheburayo havuga ngo «arazikorera.»

Mu giheburayo havuga ngo «yaracishije mu muriro abahungu biwe.»

Raba Insiguro y’amajambo (Uwuhanuza abapfuye).

Ingobe ni ivyuma vyigonze nk’igera. Hashobora kandi kuvugwa ngo «bamufatira mu myobo.»

Mu giheburayo havuga ngo «abikorera.»

Mu giheburayo havuga ngo «agendera mu nzira zose za sekuruza Dawidi.»

Mu giheburayo havuga ngo «ibibanza bitaramutse.»

Raba Insiguro y’amajambo.

Canke «mu cuma bashongesheje.»

Canke «mu cuma bashongesheje.»

Mu giheburayo havuga ngo «inzu.»

Canke «abahinguzi b’utugenegene.»

Canke «bikorera imizigo.»

Mu giheburayo havuga ngo «biciye ku kuboko kwa Musa.»

Mu giheburayo havuga ngo «bacuranuye.»

Biboneka ko yari ajejwe ivyambarwa vy’abaherezi canke vy’umwami.

Mu giheburayo havuga ngo «umutima wawe uca uroroha.»

Mu giheburayo havuga ngo «nzokwegeranya uhamvye ba sogokuruza.»

Canke «abato canke abakuze.»

Canke «asubira gusezeranira.»

Canke «ibigirwamana.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «batara.»

Mu giheburayo havuga ngo «inzu.»

Canke «urukundo rudahemuka (rudahera) yerekanye.»

Italanto imwe yangana n’ibilo 34,2. Raba Inyongera ya B14.

Bishoboka ko hari nko muri Ntwarante canke Ndamukiza. Raba Inyongera ya B15.

Mu giheburayo havuga ngo «adadaza izosi.»

Mu giheburayo havuga ngo «n’ahantu aba.»

Mu giheburayo havuga ngo «gushika aho bataba bagishobora gukira.»

Canke «ubwami.»

Canke «ata wukibamwo.»

Mu giheburayo havuga ngo «avyura impwemu ya Kuro umwami w’Ubuperesi.»

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika