IGITABU CA MBERE C’IVYO KU NGOMA
5 Abahungu ba Yafeti bari Gomeri, Magogi, Madayi, Yavani, Tubali+, Mesheki+ na Tirasi+.
6 Abahungu ba Gomeri bari Ashikenazi, Rifati na Togaruma+.
7 Abahungu ba Yavani bari Elisha, Tarushishi, Kitimu na Rodanimu.
8 Abahungu ba Hamu bari Kushi+, Misirayimu, Puti na Kanani+.
9 Abahungu ba Kushi bari Seba+, Havila, Sabuta, Rama+ na Sabuteka.
Abahungu ba Rama na bo bari Sheba na Dedani+.
10 Kushi kandi ni we yavyaye Nimurodi+. Nimurodi ni we yatanguye kuba umurwanyi akomeye cane kw’isi.
11 Misirayimu yavyaye Ludimu+, Anamimu, Lehabimu, Nafituhimu+, 12 Patirusimu+, Kasiluhimu (ari we Abafilisitiya+ bakomotseko) na Kafutorimu*+.
13 Kanani yavyaye imfura yiwe Sidoni+, akurikizako Heti+. 14 Abandi bamukomotseko ni Abayebusi+, Abamori+, Abagirugashi+, 15 Abahiwi+, Abaruki, Abasini, 16 Abaruvadi+, Abasemari n’Abahamati.
18 Arupakisadi yavyaye Shela+, Shela na we avyara Eberi.
19 Eberi yavyaye abahungu babiri. Umwe yitwa Pelegi*+, kuko mu gihe ciwe ari ho abantu bakwiragiye kw’isi*. Mwenewabo yitwa Yokitani.
20 Yokitani yavyaye Alumodadi, Shelefu, Hasarumaweti, Yerahi+, 21 Hadoramu, Uzalu, Dikila, 22 Obali, Abimayeli, Sheba, 23 Ofiri+, Havila+ na Yobabu. Abo bose bari abahungu ba Yokitani.
28 Abahungu ba Aburahamu bari Izahaki+ na Ishimayeli+.
29 Ababakomotseko ni aba: imfura ya Ishimayeli yari Nebayoti+, hagakurikira Kedari+, Adibeli, Mibusamu+, 30 Mishima, Duma, Masa, Hadadi, Tema, 31 Yeturi, Nafishi na Kedema. Abo ni bo bari abahungu ba Ishimayeli.
32 Abahungu bavyawe na Ketura+ incoreke ya Aburahamu, bari Zimurani, Yokishani, Medani, Midiyani+, Ishibaki na Shuwa+.
Abahungu ba Yokishani bari Sheba na Dedani+.
33 Midiyani yavyaye Efa+, Eferi, Hanoki, Abida na Eludaya.
Abo bose bakomotse kuri Ketura.
34 Aburahamu yavyaye Izahaki+. Abahungu ba Izahaki bari Esawu+ na Isirayeli+.
35 Abahungu ba Esawu bari Elifazi, Ruweli, Yushi, Yalamu na Kora+.
36 Abahungu ba Elifazi bari Temani+, Omari, Zefo, Gatamu, Kenazi, Timuna na Amaleki+.
37 Abahungu ba Ruweli bari Nahati, Zera, Shama na Miza+.
38 Abahungu ba Seyiri+ bari Lotani, Shobali, Zibeyoni, Ana, Dishoni, Ezeri na Dishani+.
39 Abahungu ba Lotani bari Hori na Homamu. Mushiki wa Lotani yari Timuna+.
40 Abahungu ba Shobali bari Aluvani, Manahati, Ebali, Shefo na Onamu.
Abahungu ba Zibeyoni bari Aya na Ana+.
41 Umuhungu* wa Ana yari Dishoni.
Abahungu ba Dishoni na bo bari Hemudani, Eshibani, Itirani na Kerani+.
42 Abahungu ba Ezeri+ bari Biluhani, Zavani na Akani.
Abahungu ba Dishani bari Uzi na Arani+.
43 Aba ni bo bami batwaye igihugu ca Edomu+ imbere y’uko Abisirayeli baronka umwami+: Bela umuhungu wa Beyori. Igisagara ciwe citwa Dinihaba. 44 Bela amaze gupfa, Yobabu umuhungu wa Zera w’i Bozira+ yaciye atwara mu kibanza ciwe. 45 Yobabu amaze gupfa, Hushamu wo mu gihugu c’Abatemani yaciye atwara mu kibanza ciwe. 46 Hushamu amaze gupfa, Hadadi umuhungu wa Bedadi, uwatsindiye Abamidiyani mu karere ka Mowabu, yaciye atwara mu kibanza ciwe. Igisagara ciwe citwa Aviti. 47 Hadadi amaze gupfa, Samula w’i Masireka yaciye atwara mu kibanza ciwe. 48 Samula amaze gupfa, Shawuli w’i Rehoboti iruhande y’uruzi yaciye atwara mu kibanza ciwe. 49 Shawuli amaze gupfa, Bayali-Hanani umuhungu wa Akibori yaciye atwara mu kibanza ciwe. 50 Bayali-Hanani amaze gupfa, Hadadi yaciye atwara mu kibanza ciwe. Igisagara ciwe citwa Pawu, umugore wiwe na we akitwa Mehetabeli. Mehetabeli yari umukobwa wa Matiredi, Matiredi na we akaba umukobwa wa Mezahabu. 51 Hadadi na we arapfa.
Abatware* ba Edomu bari aba: umutware Timuna, umutware Aluva, umutware Yeteti+, 52 umutware Oholibama, umutware Ela, umutware Pinoni, 53 umutware Kenazi, umutware Temani, umutware Mibuzari, 54 umutware Magidiyeli n’umutware Iramu. Abo ni bo bari abatware ba Edomu.
2 Aba ni bo bari abahungu ba Isirayeli+: Rubeni+, Simeyoni+, Lewi+, Yuda+, Isakari+, Zabuloni+, 2 Dani+, Yozefu+, Benyamini+, Nafutali+, Gadi+ na Asheri+.
3 Abahungu ba Yuda bari Ere, Onani na Shela. Abo batatu yabavyaranye n’Umunyakananikazi avuka kuri Shuwa+. Mugabo Ere imfura ya Yuda yakora ibintu bibabaza Yehova, aca aramwica+. 4 Tamari+ umukazana wa Yuda yamuvyariye Peresi+ na Zera. Abahungu bose ba Yuda bari batanu.
5 Abahungu ba Peresi bari Hesironi na Hamuli+.
6 Abahungu ba Zera bari Zimuri, Etani, Hemani, Kalikoli na Dara. Bose hamwe bari batanu.
7 Umuhungu* wa Karumi yari Akari*. Yakwegeye ivyago* Abisirayeli+ kuko yahemutse akarenga kw’itegeko Imana yari yabahaye ku bijanye n’ibintu vyabwirizwa gutikizwa+.
8 Umuhungu* wa Etani yari Azariya.
9 Abahungu Hesironi yavyaye bari Yerameyeli+, Ramu+ na Kelubayi*.
10 Ramu yavyaye Aminadabu+, Aminadabu avyara Nahashoni+ umukuru w’abakomoka kuri Yuda. 11 Nahashoni yavyaye Saluma+, Saluma avyara Bowazi+. 12 Bowazi yavyaye Obedi, Obedi avyara Yese+. 13 Aba ni bo Yese yavyaye: imfura yari Eliyabu, uwa kabiri Abinadabu+, uwa gatatu Shimeya+, 14 uwa kane Netaneli, uwa gatanu Radayi, 15 uwa gatandatu Ozemu, uw’indwi Dawidi+. 16 Bashiki babo bari Zeruwiya na Abigayili+. Abahungu ba Zeruwiya bari batatu: Abishayi+, Yowabu+ na Asaheli+. 17 Abigayili yavyaye Amasa+. Se wa Amasa yari Yeteri Umwishimayeli.
18 Kalebu* umuhungu wa Hesironi yavyaye Yesheri, Shobabu na Arudoni, abavyarana n’umugore wiwe Azuba hamwe na Yeriyoti. 19 Azuba amaze gupfa, Kalebu yabiriye Efurata+, bavyarana Huru+. 20 Huru yavyaye Uri, Uri na we avyara Bezaleli+.
21 Mu nyuma Hesironi yabira umukobwa wa Makiri+ se wa Gileyadi+, araheza aryamana na we amuvyarira Segubu. Hesironi yari afise imyaka 60 igihe yamutwara. 22 Segubu yavyaye Yayiri+. Yayiri yari afise ibisagara 23 mu karere ka Gileyadi+. 23 Mu nyuma Abageshuri+ n’Abasiriya+ batwara Havoti-Yayiri+ bahanyaze abahaba, na Kenati+ n’udusagara tuhegukira*. Vyari ibisagara 60. Abo bose bakomoka kuri Makiri se wa Gileyadi.
24 Hesironi+ yapfiriye i Kalebu-Efurata. Amaze gupfa, umugore wiwe Abiya yamuvyariye Ashehuri+ se wa Tekowa*+.
25 Abahungu ba Yerameyeli imfura ya Hesironi bari aba: imfura yari Ramu, hanyuma Buna, Oreni, Ozemu na Ahiya. 26 Yerameyeli yari afise uwundi mugore yitwa Atara. Ni we yari nyina wa Onamu. 27 Abahungu ba Ramu imfura ya Yerameyeli bari Mayasi, Yamini na Ekeri. 28 Abahungu ba Onamu bari Shamayi na Yada. Abahungu ba Shamayi bari Nadabu na Abishuri. 29 Umugore wa Abishuri yitwa Abihayili. Yamuvyariye Ahubani na Molidi. 30 Abahungu ba Nadabu bari Seledi na Apayimu. Mugabo Seledi yapfuye atavyaye. 31 Umuhungu* wa Apayimu yari Ishi. Umuhungu* wa Ishi yari Sheshani, umuhungu* wa Sheshani yari Ahilayi. 32 Abahungu ba Yada mwenewabo na Shamayi bari Yeteri na Yonatani. Mugabo Yeteri yapfuye atavyaye. 33 Abahungu ba Yonatani bari Peleti na Zaza. Abo ni bo bakomotse kuri Yerameyeli.
34 Sheshani nta bahungu yari afise, yavyaye abakobwa gusa. Sheshani yari afise umusuku w’Umunyamisiri yitwa Yaruha. 35 Uwo musuku wiwe Yaruha yahavuye amuha umukobwa wiwe ngo amubere umugore, maze amuvyarira Atayi. 36 Atayi yavyaye Natani, Natani avyara Zabadi. 37 Zabadi yavyaye Efulali, Efulali avyara Obedi. 38 Obedi yavyaye Yehu, Yehu avyara Azariya. 39 Azariya yavyaye Helesi, Helesi avyara Eleyasa. 40 Eleyasa yavyaye Sisimayi, Sisimayi avyara Shalumu. 41 Shalumu yavyaye Yekamiya, Yekamiya na we avyara Elishama.
42 Abahungu ba Kalebu*+ mwenewabo na Yerameyeli bari Mesha imfura yiwe akaba na se wa Zifu, hamwe n’abahungu ba Maresha se wa Heburoni. 43 Abahungu ba Heburoni bari Kora, Tapuwa, Rekemu na Shema. 44 Shema yavyaye Rahamu se wa Yorikeyamu. Rekemu na we yavyaye Shamayi. 45 Umuhungu wa Shamayi yari Mayoni, Mayoni na we yari se wa Beti-Suri+. 46 Incoreke ya Kalebu yitwa Efa yavyaye Harani, Moza na Gazezi. Harani na we yavyaye Gazezi. 47 Abahungu ba Yahidayi bari Regemu, Yotamu, Geshani, Pelete, Efa na Shafu. 48 Incoreke ya Kalebu yitwa Mayaka yavyaye Sheberi na Tiruhana. 49 Mu nyuma avyara Shafu se wa Madumana+, na Sheva se wa Makibena na Gibeya+. Umukobwa wa Kalebu+ yitwa Akisa+. 50 Abo ni bo bakomotse kuri Kalebu.
Abahungu ba Huru+ imfura ya Efurata+ bari Shobali se wa Kiriyati-Yeyarimu+, 51 Saluma se wa Betelehemu+, na Harefu se wa Beti-Gaderi. 52 Aba ni bo bari abahungu ba Shobali se wa Kiriyati-Yeyarimu: Harowe n’igice c’Abamenuhoti. 53 Imiryango ya Kiriyati-Yeyarimu yari iyi: Abituri+, Abaputi, Abashumati n’Abamishirayi. Muri iyo miryango ni ho hakomotse Abazorati+ n’Abeshitayoli+. 54 Abahungu ba Saluma bari aba: Betelehemu+, Abanyanetofa, Atiroti-Beti-Yowabu, igice c’Abamanahati, n’Abazori. 55 Imiryango y’abanditsi baba i Yabezi yari iyi: Abatirati, Abashimeyati n’Abasukati. Abo ni bo Bakeni+ bakomotse kuri Hamati se w’abakomoka kuri Rekabu+.
3 Aba ni bo bahungu Dawidi yavyariye i Heburoni+: imfura yari Amunoni+. Nyina yitwa Ahinowamu+ w’i Yezireli. Uwa kabiri yari Daniyeli. Nyina yitwa Abigayili+ w’i Karumeli. 2 Uwa gatatu yari Abusalomu+ yavyawe na Mayaka. Mayaka yari umukobwa wa Talimayi umwami w’i Geshuri. Uwa kane yari Adoniya+ yavyawe na Hagita. 3 Uwa gatanu yari Shefatiya. Nyina yitwa Abitali. Uwa gatandatu yari Itireyamu yavyawe n’umugore wa Dawidi yitwa Egila. 4 Abo batandatu yabavyariye i Heburoni. Yamaze imyaka 7 n’amezi 6 aganza ari aho i Heburoni, amara n’imyaka 33 aganza ari i Yeruzalemu+.
5 Aba ni bo yavyariye i Yeruzalemu+: Shimeya, Shobabu, Natani+ na Salomo+. Abo uko ari bane bavyawe na Batisheba+ umukobwa wa Amiyeli. 6 Abandi bahungu icenda ba Dawidi bari Ibuhari, Elishama, Elifeleti, 7 Noga, Nefegi, Yafiya, 8 Elishama, Eliyada na Elifeleti. 9 Abo bose bari abahungu ba Dawidi udashizemwo abo yavyaye ku ncoreke. Mushiki wabo yitwa Tamari+.
10 Salomo yavyaye Rehobowamu+, Rehobowamu avyara Abiya+, Abiya avyara Asa+, Asa avyara Yehoshafati+, 11 Yehoshafati avyara Yehoramu+, Yehoramu avyara Ahaziya+, Ahaziya avyara Yehowasi+, 12 Yehowasi avyara Amaziya+, Amaziya avyara Azariya+, Azariya avyara Yotamu+, 13 Yotamu avyara Ahazi+, Ahazi avyara Hezekiya+, Hezekiya avyara Manase+, 14 Manase avyara Amoni+, Amoni avyara Yosiya+. 15 Abahungu ba Yosiya bari aba: imfura yari Yohanani, uwa kabiri Yehoyakimu+, uwa gatatu Zedekiya+, uwa kane Shalumu. 16 Umuhungu wa Yehoyakimu yari Yekoniya+. Yekoniya na we yavyaye Zedekiya. 17 Abandi bahungu Yekoniya yavyaye igihe yari imbohe ni Shalutiyeli, 18 Malikiramu, Pedaya, Shenazari, Yekamiya, Hoshama na Nedabiya. 19 Abahungu ba Pedaya bari Zerubabeli+ na Shimeyi. Aba Zerubabeli na bo bari Meshulamu na Hananiya (mushiki wabo yitwa Shelomiti). 20 Yari afise n’abandi bahungu batanu ari bo Hashuba, Oheli, Berekiya, Hasadiya na Yushabu-Hesedi. 21 Abahungu ba Hananiya bari Pelatiya na Yeshaya. Umuhungu* wa Yeshaya yari Refaya, umuhungu* wa Refaya yari Arunani, umuhungu* wa Arunani yari Obadiya, umuhungu* wa Obadiya yari Shekaniya. 22 Abakomoka kuri Shekaniya* bari Shemaya n’abahungu ba Shemaya ari bo Hatushi, Igali, Bariya, Neyariya na Shafati. Bose hamwe bari batandatu. 23 Abahungu ba Neyariya bari batatu: Eliyowenayi, Hizikiya na Azirikamu. 24 Abahungu ba Eliyowenayi bari indwi: Hodaviya, Eliyashibu, Pelaya, Akubu, Yohanani, Delaya na Anani.
4 Abahungu ba Yuda bari Peresi+, Hesironi+, Karumi, Huru+ na Shobali+. 2 Reyaya umuhungu wa Shobali yavyaye Yahati, Yahati avyara Ahumayi na Lahadi. Abo ni bo bari bagize imiryango y’Abazorati+. 3 Abahungu ba se* wa Etamu+ bari aba: Yezireli, Ishima na Idubashi (mushiki wabo yitwa Haseleliponi), 4 na Penuweli se wa Gedori, na Ezeri se wa Husha. Abo ni bo bari abahungu ba Huru+ imfura ya Efurata akaba na se wa Betelehemu+. 5 Ashehuri+ se wa Tekowa+ yari afise abagore babiri, ari bo Hela na Nayara. 6 Nayara yamuvyariye Ahuzamu, Heferi, Temeni na Hahashutari. Abo ni bo bari abahungu ba Nayara. 7 Abahungu ba Hela bari Zereti, Izihari na Etinani. 8 Kozi yavyaye Anubu, Sobeba n’abakomoka kuri Aharuheli umuhungu wa Harumu.
9 Yabesi yarubahwa cane kuruta benewabo. Nyina yamwise Yabesi* avuga ati: «Namuvyaye mu mubabaro.» 10 Yabesi yatakambiye Imana ya Isirayeli ati: «Ndagusavye umpezagire, wagure n’akarere kanje. Ndagusavye umfashe wongere unkingire ivyago.» Nuko Imana imuha ivyo yasavye.
11 Kelubu mwenewabo na Shuha yavyaye Mehiri. Mehiri yari se wa Eshitoni. 12 Eshitoni yavyaye Beti-Rafa, Paseya na Tehina se wa Irunahashi. Abo ni bo bari abagabo b’i Reka. 13 Abahungu ba Kenazi bari Otiniyeli+ na Seraya. Umuhungu* wa Otiniyeli yari Hatati. 14 Meyonotayi yavyaye Ofura. Seraya yavyaye Yowabu se w’ababa i Geharashimu*. Hiswe Geharashimu kuko abahaba bari abanyamyuga b’abahinga.
15 Abahungu ba Kalebu+ mwene Yefune bari Iru, Ela na Nayamu. Umuhungu* wa Ela yari Kenazi. 16 Abahungu ba Yehaleleli bari Zifu, Zifa, Tiriya na Asareli. 17 Abahungu ba Ezira bari Yeteri, Meredi, Eferi na Yaloni. Umugore wiwe* yavyaye Miriyamu, Shamayi na Ishiba se wa Eshitemowa. 18 (Umugore wa Meredi w’Umuyudakazi yavyaye Yeredi se wa Gedori, Heberi se wa Soko na Yekutiyeli se wa Zanowa.) Abo ni bo bahungu Bitiya umukobwa wa Farawo yavyaye. Yari yarongowe na Meredi.
19 Abahungu b’umugore wa Hodiya mushiki wa Nahamu bari aba: se wa Keyila w’i Geremu na se wa Eshitemowa w’i Mayaka. 20 Abahungu ba Shimoni bari Amunoni, Rina, Beni-Hanani na Tiloni. Abahungu ba Ishi bari Zoheti na Beni-Zoheti.
21 Abahungu ba Shela+ mwene Yuda bari Ere se wa Leka, Layada se wa Maresha, hamwe n’abo mu miryango ya Ashibeya bakora ivyo guhingura ibitambara vyiza. 22 Abandi bamukomokako bari Yokimu, abantu b’i Kozeba, Yowasi na Sarafu, bakaba batwaye abagore b’Abanyamowabukazi, hamwe na Yashubi-Lehemu. Ayo mazina yakuwe mu nyandiko za kera*. 23 Bari ababumvyi baba i Netayimu n’i Gedera. Aho ni ho baba, bagakorera umwami.
24 Abahungu ba Simeyoni+ bari Nemuweli, Yamini, Yaribu, Zera na Shawuli+. 25 Shawuli yavyaye Shalumu, Shalumu avyara Mibusamu, Mibusamu avyara Mishima. 26 Abahungu* ba Mishima bari aba: Mishima yavyaye Hamuweli, Hamuweli avyara Zakuri, Zakuri avyara Shimeyi. 27 Shimeyi yari afise abahungu 16 n’abakobwa 6. Mugabo benewabo ntibavyaye abahungu benshi, kandi nta n’umwe mu miryango yabo warimwo abahungu benshi nk’abo mu muryango wa Yuda+. 28 Baba i Beri-Sheba+, i Molada+, i Hazari-Shuwali+ 29 i Biluha, i Esemu+, i Toladi, 30 i Betuweli+, i Horuma+, i Sikulagi+, 31 i Beti-Marikaboti, i Hazari-Susimu+, i Beti-Biri n’i Sharayimu. Ivyo ni vyo vyari ibisagara vyabo gushika Dawidi atanguye kuganza.
32 Ibindi bisagara babamwo vyari ibi: Etamu, Ayini, Rimoni, Tokeni na Ashani+. Ivyo bisagara vyari bitanu 33 hamwe n’ibigwati vyari irya n’ino yavyo gushika i Bayali. Urwo ni urutonde rwerekana amamuko yabo n’ahantu baba. 34 Hariho kandi Meshobabu, Yamuleki, Yosha umuhungu wa Amaziya, 35 Yoweli, Yehu umuhungu wa Yoshibiya, Yoshibiya wa Seraya, Seraya wa Asiyeli, 36 Eliyowenayi, Yakoba, Yeshohaya, Asaya, Adiyeli, Yesimiyeli, Benaya, 37 Ziza umuhungu wa Shifi, Shifi wa Aloni, Aloni wa Yedaya, Yedaya wa Shimuri, Shimuri wa Shemaya. 38 Abo bavuzwe amazina bari abakuru mu miryango bakomokamwo, kandi imiryango ya ba sekuruza yaragwiriye cane. 39 Nuko baja kurondera aho baragira ibitungwa vyabo, baragenda bashika hafi ya Gedori, mu buseruko bw’umubande. 40 Amaherezo bubura ahantu hari ubwatsi bwinshi kandi butotahaye. Aho hantu hari hagutse, hatekanye, ata kihadurumbanya. Kera habayo abakomoka kuri Hamu+. 41 Abo bantu bavuzwe amazina baje mu gihe ca Hezekiya+ umwami w’Ubuyuda maze batera amahema y’abakomoka kuri Hamu n’Abamewunimu baba muri ako karere. Barabazimanganije ku buryo ata n’umwe agisigaye gushika n’uyu musi. Baciye bigarurira akarere kabo kuko hariyo ubwatsi bwo kuragiramwo ibitungwa vyabo.
42 Hari abagabo 500 bakomoka kuri Simeyoni bagiye ku musozi Seyiri+, barongowe na Pelatiya, Neyariya, Refaya na Uziyeli, bene Ishi. 43 Bica amasigarira y’Abamaleki+ bari barahahungiye, baca babayo gushika n’uyu musi.
5 Aba ni bo bahungu ba Rubeni+ imfura ya Isirayeli. Rubeni yari imfura ariko uburenganzira bw’imfura bwahawe abahungu ba Yozefu+ mwene Isirayeli kubera ko yahumanije uburiri bwa se+. Ni co gituma mu rutonde rw’imiryango bakomokamwo atanditswe nk’imfura. 2 Naho Yuda+ yari mukuru muri benewabo kandi akaba ari we yakomotseko indongozi+, uburenganzira bw’imfura bwahawe Yozefu. 3 Abahungu ba Rubeni imfura ya Isirayeli bari Hanoki, Palu, Hesironi na Karumi+. 4 Abakomoka kuri Yoweli bari aba: Yoweli yavyaye Shemaya, Shemaya avyara Gogi, Gogi avyara Shimeyi, 5 Shimeyi avyara Mika, Mika avyara Reyaya, Reyaya avyara Bayali, 6 Bayali avyara Beyera. Beyera yari umukuru mu Barubeni. Yatwawe mu bunyagano na Tilugati-Piluneseri+ umwami wa Ashuri. 7 Benewabo na Beyera hisunzwe urutonde rwerekana amamuko y’imiryango yabo bari aba: Yeyeli umukuru, Zakariya, 8 na Bela umuhungu wa Azazi, Azazi wa Shema, Shema wa Yoweli. Abo mu muryango wa Bela baba mu karere kava i Aroweri+ gushika i Nebo n’i Bayali-Meyoni+. 9 Kubera ko ibitungwa vyabo vyari vyaragwiriye mu karere ka Gileyadi+, bagiye kuba mu buseruko, baragenda gushika aho ubugaragwa butangurira ku ruzi Efurate+. 10 Ku ntwaro ya Sawuli, bagiye gutera Abahaguri barabatsinda. Baciye bigarurira amahema yabo, bayabamwo muri ako karere kose ko mu buseruko bwa Gileyadi.
11 Abakomoka kuri Gadi baba hafi yabo mu karere ka Bashani gushika i Saleka+. 12 Aho i Bashani umukuru yari Yoweli, uwa kabiri akaba Shafamu. Hariho na Yanayi na Shafati. 13 Benewabo bo mu migwi mikurumikuru igize umuryango* bakomokamwo bari Mikayeli, Meshulamu, Sheba, Yorayi, Yakani, Ziya na Eberi. Bose hamwe bari indwi. 14 Abo bari abahungu ba Abihayili. Abihayili yari umuhungu wa Huri, Huri wa Yarowa, Yarowa wa Gileyadi, Gileyadi wa Mikayeli, Mikayeli wa Yeshishayi, Yeshishayi wa Yahudo, Yahudo wa Buzu. 15 Ahi umuhungu wa Abudiyeli, Abudiyeli wa Guni, yari umukuru w’umugwi wabo, mu muryango bavamwo. 16 Baba mu karere ka Gileyadi+, aka Bashani+ no mu dusagara tuhegukira*, n’ahantu hari uburagiro i Sharoni kugenda gushika iyo bugarukira. 17 Abo bose banditswe hisunzwe urutonde rw’imiryango bakomokamwo. Hari ku ntwaro ya Yotamu+ umwami w’Ubuyuda no ku ya Yerobowamu*+ umwami wa Isirayeli.
18 Mu ngabo z’Abarubeni, Abagadi n’igice c’umuryango wa Manase, harimwo abarwanyi b’intwari 44.760 bitwaza inkinzo n’inkota. Bari bazi gukoresha umuheto* kandi bari bazi kurwana. 19 Barateye Abahaguri+, abakomoka kuri Yeturi, kuri Nafishi+ no kuri Nodabu. 20 Imana yarabafashije batsinda Abahaguri n’abari kumwe na bo bose. Batsinze kubera ko muri iyo ntambara batabaje Imana, na yo yumva ugutabaza kwabo kubera ko bayizigiye+. 21 Barabanyaze ibitungwa. Babanyaze ingamiya 50.000, intama 250.000, n’indogobwa 2.000, bongera bafata abantu 100.000. 22 Bishe abantu benshi kubera ko Imana y’ukuri ari yo yarwana iyo ntambara+. Baciye baba muri ako karere kabo gushika igihe bajanwa mu bunyagano+.
23 Abakomoka ku gice c’umuryango wa Manase+ baba mu karere kava i Bashani kagashika i Bayali-Herumoni n’i Seniri no ku musozi Herumoni+. Bari benshi cane. 24 Aba ni bo bari abakuru* b’imiryango mikurumikuru bavamwo: Eferi, Ishi, Eliyeli, Aziriyeli, Yeremiya, Hodaviya na Yahadiyeli. Bari abarwanyi b’intwari, abagabo ba rurangiranwa, bakaba n’abakuru b’imigwi mikurumikuru igize imiryango bavamwo. 25 Mugabo barahemukiye Imana ya ba sekuruza, basenga imana* abantu bo muri ico gihugu basenga+, abo Imana yari yarazimanganije bakabisa Abisirayeli. 26 Nuko Imana ya Isirayeli ituma Puli* umwami wa Ashuri+ (ni ukuvuga Tilugati-Piluneseri+ umwami wa Ashuri) atwara mu bunyagano Abarubeni, Abagadi n’igice c’umuryango wa Manase. Yabajanye i Hala, i Habori, i Hara no hafi y’uruzi Gozani+. Ni yo bakiri gushika n’uyu musi.
6 Abahungu ba Lewi+ bari Gerushoni, Kohati+ na Merari+. 2 Abahungu ba Kohati bari Amuramu, Izihari+, Heburoni na Uziyeli+. 3 Abana* ba Amuramu+ bari Aroni+, Musa+ na Miriyamu+. Abahungu ba Aroni bari Nadabu, Abihu+, Eleyazari+ na Itamari+. 4 Eleyazari yavyaye Finehasi+, Finehasi avyara Abishuwa. 5 Abishuwa yavyaye Buki, Buki avyara Uzi. 6 Uzi yavyaye Zerahiya, Zerahiya avyara Merayoti. 7 Merayoti yavyaye Amariya, Amariya avyara Ahitubu+. 8 Ahitubu yavyaye Sadoki+, Sadoki avyara Ahimasi+. 9 Ahimasi yavyaye Azariya, Azariya avyara Yohanani. 10 Yohanani yavyaye Azariya. Yari umuherezi mu rusengero* Salomo yubatse i Yeruzalemu.
11 Azariya yavyaye Amariya, Amariya avyara Ahitubu. 12 Ahitubu yavyaye Sadoki+, Sadoki avyara Shalumu. 13 Shalumu yavyaye Hilikiya+, Hilikiya avyara Azariya. 14 Azariya yavyaye Seraya+, Seraya avyara Yehozadaki+. 15 Yehozadaki yajanywe mu bunyagano igihe Yehova yatwara mu bunyagano abo mu Buyuda n’i Yeruzalemu biciye kuri Nebukadinezari.
16 Abahungu ba Lewi bari Gerushomu*, Kohati na Merari. 17 Aya ni yo mazina y’abahungu ba Gerushomu: Libuni na Shimeyi+. 18 Abahungu ba Kohati bari Amuramu, Izihari, Heburoni na Uziyeli+. 19 Abahungu ba Merari bari Mahili na Mushi.
Iyi ni yo yari imiryango y’Abalewi hisunzwe amazina ya ba sekuruza+: 20 Abahungu ba Gerushomu+ bari aba: Gerushomu yavyaye Libuni, Libuni avyara Yahati, Yahati avyara Zima, 21 Zima avyara Yowa, Yowa avyara Ido, Ido avyara Zera, Zera avyara Yeyaterayi. 22 Abahungu ba Kohati* bari aba: Kohati yavyaye Aminadabu, Aminadabu avyara Kora+, Kora avyara Asiri, 23 Asiri avyara Elikana, Elikana avyara Ebiyasafu+, Ebiyasafu avyara Asiri, 24 Asiri avyara Tahati, Tahati avyara Uriyeli, Uriyeli avyara Uziya, Uziya na we avyara Shawuli. 25 Abahungu ba Elikana bari Amasayi na Ahimoti. 26 Abahungu ba Elikana* bari aba: Elikana yavyaye Zofayi, Zofayi avyara Nahati, 27 Nahati avyara Eliyabu, Eliyabu avyara Yerohamu, Yerohamu avyara Elikana+. 28 Abahungu ba Samweli+ bari aba: imfura yari Yoweli, uwa kabiri yari Abiya+. 29 Abahungu ba Merari* bari aba: Merari yavyaye Mahili+, Mahili avyara Libuni, Libuni avyara Shimeyi, Shimeyi avyara Uza, 30 Uza avyara Shimeya, Shimeya avyara Hagiya, Hagiya na we avyara Asaya.
31 Aba ni bo Dawidi yajeje ibanga ryo kuyobora abaririmvyi bo ku nzu ya Yehova, aho isandugu y’Imana imariye gushirwayo+. 32 Ni bo bari bajejwe ivyo kuririmba kw’ihema ryeranda ari ryo hema ry’ibonaniro, gushika igihe Salomo yubaka inzu ya Yehova i Yeruzalemu+. Igikorwa bari bajejwe bagikora nk’uko babisabwa+. 33 Abakora ico gikorwa hamwe n’abahungu babo bari aba: mu Bakohati hari umuririmvyi Hemani+. Hemani yari umuhungu wa Yoweli+, Yoweli wa Samweli, 34 Samweli wa Elikana+, Elikana wa Yerohamu, Yerohamu wa Eliyeli, Eliyeli wa Towa, 35 Towa wa Zufi, Zufi wa Elikana, Elikana wa Mahati, Mahati wa Amasayi, 36 Amasayi wa Elikana, Elikana wa Yoweli, Yoweli wa Azariya, Azariya wa Zefaniya, 37 Zefaniya wa Tahati, Tahati wa Asiri, Asiri wa Ebiyasafu, Ebiyasafu wa Kora, 38 Kora wa Izihari, Izihari wa Kohati, Kohati wa Lewi, Lewi wa Isirayeli.
39 Mwenewabo Asafu+ yahagarara iburyo bwiwe. Asafu yari umuhungu wa Berekiya, Berekiya wa Shimeya, 40 Shimeya wa Mikayeli, Mikayeli wa Bayaseya, Bayaseya wa Malikiya, 41 Malikiya wa Etini, Etini wa Zera, Zera wa Adaya, 42 Adaya wa Etani, Etani wa Zima, Zima wa Shimeyi, 43 Shimeyi wa Yahati, Yahati wa Gerushomu, Gerushomu wa Lewi.
44 Benewabo bakomoka kuri Merari+ bahagarara ibubamfu*. Hari Etani+ umuhungu wa Kishi, Kishi wa Abudi, Abudi wa Maluku, 45 Maluku wa Hashabiya, Hashabiya wa Amaziya, Amaziya wa Hilikiya, 46 Hilikiya wa Amusi, Amusi wa Bani, Bani wa Shemeri, 47 Shemeri wa Mahili, Mahili wa Mushi, Mushi wa Merari, Merari wa Lewi.
48 Abalewi benewabo ni bo bari bashinzwe* ibikorwa vyose vyo kw’ihema ryeranda, ari yo nzu y’Imana y’ukuri+. 49 Aroni n’abahungu biwe+ baratanga ibimazi bigafumba umwotsi, bakabitangira ku gicaniro c’amashikanwa aturirwa+ no ku gicaniro c’imibavu+. Bakora ibikorwa bijanye n’ibintu vyeranda cane, bisunze ivyo Musa umusavyi w’Imana y’ukuri yari yarategetse vyose, kugira Abisirayeli bababarirwe ibicumuro vyabo*+. 50 Abakomoka kuri Aroni+ bari aba: Aroni yavyaye Eleyazari+, Eleyazari avyara Finehasi, Finehasi avyara Abishuwa, 51 Abishuwa avyara Buki, Buki avyara Uzi, Uzi avyara Zerahiya, 52 Zerahiya avyara Merayoti, Merayoti avyara Amariya, Amariya avyara Ahitubu+, 53 Ahitubu avyara Sadoki+, Sadoki avyara Ahimasi.
54 Aha ni ho Abalewi baba kandi ni ho bashinze amakambi* mu karere bahawe: ubupfindo bwa mbere bwaguye ku bakomoka kuri Aroni b’Abakohati, 55 bahabwa Heburoni+ mu Buyuda, n’amatongo yo kuragiramwo ahakikuje. 56 Mugabo akarere gakikuje ico gisagara n’ibigwati bihegereye babihaye Kalebu+ mwene Yefune. 57 Ibi ni vyo bisagara* vy’ubuhungiro+ vyahawe abakomoka kuri Aroni: Heburoni+, Libuna+ n’amatongo yaho yo kuragiramwo, Yatiri+, Eshitemowa n’amatongo yaho yo kuragiramwo+, 58 Hilene n’amatongo yaho yo kuragiramwo, Debiri+ n’amatongo yaho yo kuragiramwo, 59 Ashani+ n’amatongo yaho yo kuragiramwo na Beti-Shemeshi+ n’amatongo yaho yo kuragiramwo. 60 Mu karere k’umuryango wa Benyamini bahawe Geba+ n’amatongo yaho yo kuragiramwo, Alemeti n’amatongo yaho yo kuragiramwo na Anatoti+ n’amatongo yaho yo kuragiramwo. Ibisagara vyose vyahawe imiryango yabo vyari 13+.
61 Abakohati basigaye baronse* ibisagara cumi bikuwe ku gice c’umuryango wa Manase+ no ku yindi miryango.
62 Imiryango y’Abagerushomu yahawe ibisagara 13 bikuwe ku muryango wa Isakari, uwa Asheri, uwa Nafutali no muri Bashani mu karere kegukira umuryango wa Manase+.
63 Imiryango y’Abamerari yahawe ibisagara 12 bikuwe ku muryango wa Rubeni, uwa Gadi n’uwa Zabuloni+.
64 Abisirayeli rero baha Abalewi ivyo bisagara n’amatongo yavyo yo kuragiramwo+. 65 Babahaye n’ibisagara bikuwe ku muryango wa Yuda, ku wa Simeyoni no ku wa Benyamini. Ivyo bisagara biravugwa amazina kandi babihawe biciye ku bupfindo.
66 Akarere imiryango imwimwe y’Abakohati yaronse, kari kagizwe n’ibisagara vyakuwe ku muryango wa Efurayimu+. 67 Ibi ni vyo bisagara* vy’ubuhungiro babahaye: Shekemu+ n’amatongo yaho yo kuragiramwo mu karere k’imisozi ka Efurayimu, Gezeri+ n’amatongo yaho yo kuragiramwo, 68 Yokimeyamu n’amatongo yaho yo kuragiramwo, Beti-Horoni+ n’amatongo yaho yo kuragiramwo, 69 Ayaloni+ n’amatongo yaho yo kuragiramwo na Gati-Rimoni+ n’amatongo yaho yo kuragiramwo. 70 Abasigaye bo mu miryango y’Abakohati bahawe ibi bisagara: Aneri n’amatongo yaho yo kuragiramwo na Bileyamu n’amatongo yaho yo kuragiramwo. Vyakuwe ku gice c’umuryango wa Manase.
71 Ibi ni vyo bisagara Abagerushomu baronse bikuwe ku gice c’umuryango wa Manase: Golani+ mu karere ka Bashani n’amatongo yaho yo kuragiramwo na Ashitaroti n’amatongo yaho yo kuragiramwo+. 72 Ivyo baronse bikuwe ku muryango wa Isakari ni Kedeshi n’amatongo yaho yo kuragiramwo, Daberati+ n’amatongo yaho yo kuragiramwo+, 73 Ramoti n’amatongo yaho yo kuragiramwo na Anemu n’amatongo yaho yo kuragiramwo. 74 Ivyo baronse bikuwe ku muryango wa Asheri ni Mashali n’amatongo yaho yo kuragiramwo, Abudoni n’amatongo yaho yo kuragiramwo+, 75 Hukoki n’amatongo yaho yo kuragiramwo na Rehobu+ n’amatongo yaho yo kuragiramwo. 76 Ivyo baronse bikuwe ku muryango wa Nafutali ni Kedeshi+ i Galilaya+ n’amatongo yaho yo kuragiramwo, Hamoni n’amatongo yaho yo kuragiramwo na Kiriyatayimu n’amatongo yaho yo kuragiramwo.
77 Ibi ni vyo bisagara Abamerari basigaye baronse bikuwe ku muryango wa Zabuloni+: Rimono n’amatongo yaho yo kuragiramwo na Tabora n’amatongo yaho yo kuragiramwo. 78 Bararonse n’ibisagara bikuwe ku muryango w’Abarubeni mu karere ka Yorodani, hafi ya Yeriko mu buseruko bwa Yorodani. Ivyo bisagara ni Bezeri mu gahinga n’amatongo yaho yo kuragiramwo, Yahazi+ n’amatongo yaho yo kuragiramwo, 79 Kedemoti+ n’amatongo yaho yo kuragiramwo be na Mefati n’amatongo yaho yo kuragiramwo. 80 Ivyo baronse bikuwe ku muryango wa Gadi ni Ramoti i Gileyadi n’amatongo yaho yo kuragiramwo, Mahanayimu+ n’amatongo yaho yo kuragiramwo, 81 Heshiboni+ n’amatongo yaho yo kuragiramwo na Yazeri+ n’amatongo yaho yo kuragiramwo.
7 Abahungu ba Isakari bari bane: Tola, Puwa, Yashubu na Shimuroni+. 2 Abahungu ba Tola bari Uzi, Refaya, Yeriyeli, Yahumayi, Ibusamu na Shemuweli. Bari abakuru b’imigwi mikurumikuru igize umuryango bavamwo. Abakomoka kuri Tola bari abarwanyi b’intwari. Mu gihe ca Dawidi bari 22.600. 3 Abakomotse kuri Uzi* bari Izurahiya n’abahungu ba Izurahiya ari bo Mikayeli, Obadiya, Yoweli na Ishiya. Bose uko ari batanu bari abakuru. 4 Mu babakomokako hakurikijwe imigwi mikurumikuru igize umuryango bavamwo, hari abasoda 36.000 bashobora kuja mu rugamba, kuko bari bafise abagore benshi n’abahungu benshi. 5 Benewabo bo mu yindi miryango ya Isakari bari abarwanyi b’intwari. Igitigiri cabo bose hisunzwe urutonde rwerekana amamuko yabo cari 87.000+.
6 Abahungu ba Benyamini+ bari batatu: Bela+, Bekeri+ na Yediyayeli+. 7 Abahungu ba Bela bari batanu: Esiboni, Uzi, Uziyeli, Yerimoti na Iri. Bari abakuru b’imigwi mikurumikuru igize umuryango bavamwo bakaba n’abarwanyi b’intwari. Ku rutonde rwerekana amamuko yabo hari handitswe abarwanyi 22.034+. 8 Abahungu ba Bekeri bari Zemira, Yowasi, Eliyezeri, Eliyowenayi, Omuri, Yeremoti, Abiya, Anatoti na Alemeti. Abo bose bari abahungu ba Bekeri. 9 Ku rutonde rwerekana abakuru b’imigwi mikurumikuru igize umuryango hamwe n’ababakomokako, hari handitswe abarwanyi b’intwari 20.200. 10 Abahungu ba Yediyayeli+ bari: Biluhani n’abahungu ba Biluhani ari bo Yushi, Benyamini, Ehudi, Kenayana, Zetani, Tarushishi na Ahishahari. 11 Abo ni bo bakomoka kuri Yediyayeli hakurikijwe urutonde rw’abakuru b’imiryango mikurumikuru bavamwo. Muri bo hari abarwanyi b’intwari 17.200 biteguriye kuja ku rugamba.
12 Abashupimu n’Abahupimu bakomoka kuri Ire*+, Abahushimu na bo bakomoka kuri Aheri*.
13 Abahungu ba Nafutali+ bari Yahiziyeli, Guni, Yezeri na Shalumu. Bakomoka kuri Biluha*+.
14 Aba ni bo bahungu ba Manase+: umwe yitwa Asiriyeli, yavyawe n’incoreke yiwe y’Umusiriyakazi. (Iyo ncoreke yavyaye Makiri+ se wa Gileyadi. 15 Makiri aronderera umugore Hupimu amuronderera na Shupimu. Mushiki wabo yitwa Mayaka.) Uwa kabiri yitwa Zelofehadi+, mugabo Zelofehadi yavyaye abakobwa gusa+. 16 Mayaka muka Makiri yavyaye umuhungu amwita Pereshi. Mwenewabo na Pereshi yitwa Shereshi. Abahungu biwe bari Ulamu na Rekemu. 17 Umuhungu* wa Ulamu yari Bedani. Abo ni bo bari abahungu ba Gileyadi, Gileyadi wa Makiri, Makiri wa Manase. 18 Mushiki wa Gileyadi yitwa Hamoleketi. Yavyaye Ishihodi, Abiyezeri na Mahila. 19 Abahungu ba Shemida bari Ahiyani, Shekemu, Likuhi na Aniyamu.
20 Abahungu ba Efurayimu+ bari aba: Efurayimu yavyaye Shutela+, Shutela avyara Beredi, Beredi avyara Tahati, Tahati avyara Eleyada, Eleyada avyara Tahati, 21 Tahati avyara Zabadi, Zabadi avyara Shutela. Efurayimu yavyaye na Ezeri na Eleyadi. Abagabo b’i Gati+ bavukiye muri ico gihugu barishe Ezeri na Eleyadi kuko bari baje kubiba ibitungwa. 22 Se Efurayimu yamaze imisi myinshi abagandariye, benewabo bakaguma baza kumuhoza. 23 Mu nyuma aryamana n’umugore wiwe aribungenga maze avyara umuhungu. Yaciye amwita Beriya* kuko mu rugo iwe hari ivyago igihe uwo mugore yibaruka. 24 Umukobwa wiwe yitwa Sheyera akaba ari we yubatse Beti-Horoni y’Epfo+ n’iya Ruguru+, yubaka na Uzeni-Sheyera. 25 Abandi bakomotse kuri Efurayimu bari Refa na Reshefu. Reshefu yavyaye Tela, Tela avyara Tahani, 26 Tahani avyara Ladani, Ladani avyara Amihudi, Amihudi avyara Elishama, 27 Elishama avyara Nuni, Nuni avyara Yosuwa*+.
28 Ibisagara Abefurayimu bahawe ngo babibemwo vyari ibi: Beteli+ n’udusagara tuhegukira*, Narani mu buseruko, Gezeri mu burengero n’udusagara tuhegukira, Shekemu n’udusagara tuhegukira gushika i Aya* n’udusagara tuhegukira. 29 Hafi y’akarere k’abakomoka kuri Manase, Abefurayimu bahawe Beti-Sheyani+ n’udusagara tuhegukira, Tanaki+ n’udusagara tuhegukira, Megido+ n’udusagara tuhegukira na Dori+ n’udusagara tuhegukira. Aho ni ho haba abakomoka kuri Yozefu umuhungu wa Isirayeli.
30 Abahungu ba Asheri bari Imuna, Ishiva, Ishivi na Beriya+. Mushiki wabo yitwa Sera+. 31 Abahungu ba Beriya bari Heberi na Malikiyeli se wa Berizayiti. 32 Heberi yavyaye Yafuleti, Shomeri, Hotamu, na mushiki wabo Shuwa. 33 Abahungu ba Yafuleti bari Pasaki, Bimuhali na Ashuvati. Abo ni bo bari abahungu ba Yafuleti. 34 Abahungu ba Shemeri* bari Ahi, Rohuga, Yehuba na Aramu. 35 Abahungu ba mwenewabo Helemu* bari Sofa, Imuna, Sheleshi na Amali. 36 Abahungu ba Sofa bari Suwa, Harineferi, Shuwali, Beri, Imura, 37 Bezeri, Hodi, Shama, Shilusha, Itirani na Beyera. 38 Abahungu ba Yeteri bari Yefune, Pisipa na Ara. 39 Abahungu ba Ula bari Ara, Haniyeli na Risiya. 40 Abo bose bari abahungu ba Asheri. Bari abakuru b’imigwi mikurumikuru igize umuryango bavamwo, abagabo batowe, abarwanyi b’intwari n’abakurubakuru mu ntwazangabo. Hisunzwe urutonde rw’amamuko yabo+, bari bafise igitigiri c’abasoda 26.000+ bashobora kuja mu rugamba.
8 Aba ni bo Benyamini+ yavyaye: imfura yari Bela+, uwa kabiri Ashibeli+, uwa gatatu Ahara, 2 uwa kane Noha, uwa gatanu Rafa. 3 Abahungu ba Bela bari Adari, Gera+, Abihudi, 4 Abishuwa, Namani, Ahowa, 5 Gera, Shefufani na Huramu. 6 Aba ni bo bari abahungu ba Ehudi, bakaba bari abakuru b’imigwi mikurumikuru igize imiryango y’ababa i Geba+ bajanywe mu bunyagano i Manahati: 7 Namani, Ahiya na Gera. Gera ni we yari abarongoye igihe bajanwa mu bunyagano kandi ni we yavyaye Uza na Ahihudi. 8 Shaharayimu amaze kubirukana, yavyariye abana mu karere ka Mowabu. Hushimu na Bayara bari abagore biwe*. 9 Umugore wiwe Hodeshi bavyaranye Yobabu, Sibiya, Mesha, Malikamu, 10 Yusi, Sakiya na Miruma. Abo ni bo bari abahungu ba Shaharayimu. Bari abakuru b’imigwi mikurumikuru igize umuryango bavamwo.
11 Hushimu bavyaranye Abitubi na Elipali. 12 Abahungu ba Elipali bari Eberi, Mishamu, Shemedi (ari na we yubatse Ono+ na Lodi+ n’udusagara tuhegukira*), 13 Beriya na Shema. Abo ni bo bari abakuru b’imigwi mikurumikuru igize imiryango y’ababa i Ayaloni+. Ni bo bomoye ababa i Gati. 14 Hariho kandi na Ahiyo, Shashaki, Yeremoti, 15 Zebadiya, Aradi, Ederi, 16 Mikayeli, Ishipa na Yoha. Abo bari abahungu ba Beriya. 17 Hariho kandi Zebadiya, Meshulamu, Hiziki, Heberi, 18 Ishimerayi, Iziliya na Yobabu. Abo ni abakomoka kuri Elipali*. 19 Hariho kandi Yakimu, Zikiri, Zabidi, 20 Eliyenayi, Ziletayi, Eliyeli, 21 Adaya, Beraya na Shimurati. Abo bari abahungu ba Shimeyi. 22 Hariho kandi Ishipani, Eberi, Eliyeli, 23 Abudoni, Zikiri, Hanane, 24 Hananiya, Elamu, Antotiya, 25 Ifudeya na Penuweli. Abo bari abahungu ba Shashaki. 26 Hariho kandi Shamusherayi, Shehariya, Ataliya, 27 Yareshiya, Eliya na Zikiri. Abo bari abahungu ba Yerohamu. 28 Abo bose bari abakuru b’imigwi mikurumikuru igize umuryango bavamwo hakurikijwe amamuko yabo. Abo bakuru baba i Yeruzalemu.
29 Yeyeli se wa Gibeyoni yaba i Gibeyoni+. Umugore wiwe yitwa Mayaka+. 30 Umuhungu wiwe w’imfura yari Abudoni, agakurikirwa na Zuri, Kishi, Bayali, Nadabu, 31 Gedori, Ahiyo na Zekeri. 32 Mikuloti yavyaye Shimeya. Bose babana na benewabo i Yeruzalemu, hafi ya benewabo bandi.
33 Neri+ yavyaye Kishi, Kishi avyara Sawuli+, Sawuli avyara Yonatani+, Malikishuwa+, Abinadabu+ na Eshibayali*+. 34 Yonatani yavyaye Meribu-Bayali*+, Meribu-Bayali avyara Mika+. 35 Abahungu ba Mika bari Pitoni, Meleki, Tareya na Ahazi. 36 Ahazi yavyaye Yehowada, Yehowada avyara Alemeti, Azimaveti na Zimuri. Zimuri yavyaye Moza, 37 Moza avyara Bineya, Bineya avyara Rafa, Rafa avyara Eleyasa, Eleyasa avyara Azeli. 38 Azeli yavyaye abahungu batandatu ari bo b’aba: Azirikamu, Bokeru, Ishimayeli, Sheyariya, Obadiya na Hanane. Abo bose bari abahungu ba Azeli. 39 Abahungu ba mwenewabo Esheki bari aba: imfura yari Ulamu, uwa kabiri Yushi, uwa gatatu Elifeleti. 40 Abahungu ba Ulamu bari abarwanyi b’intwari bazi gukoresha umuheto*. Bari bafise abahungu benshi n’abuzukuru benshi bashika 150. Abo bose bakomoka kuri Benyamini.
9 Abisirayeli bose banditswe hakurikijwe amamuko yabo, bandikwa mu Gitabu c’abami ba Isirayeli. Abantu bo mu Buyuda batwawe mu bunyagano i Babiloni kubera ubuhemu bwabo+. 2 Mu bagarutse ubwa mbere bagasubira kuba mu matongo yabo mu bisagara vyabo, harimwo Abisirayeli, abaherezi, Abalewi n’abakora ibikorwa vyo ku rusengero*+. 3 Hari abakomoka mu muryango wa Yuda+, uwa Benyamini+, uwa Efurayimu n’uwa Manase bagiye kuba i Yeruzalemu. Bari aba: 4 Utayi umuhungu wa Amihudi, Amihudi wa Omuri, Omuri wa Imuri, Imuri wa Bani. Abo bakomoka kuri Peresi+ umuhungu wa Yuda. 5 Mu bakomoka kuri Shela hari imfura yiwe Asaya n’abahungu biwe. 6 Mu bakomoka kuri Zera+ hari Yehuweli na benewabo 690.
7 Mu bakomoka kuri Benyamini hari Salu umuhungu wa Meshulamu, Meshulamu wa Hodaviya, Hodaviya wa Hasenuwa, 8 Ibuneya wa Yerohamu, Ela wa Uzi, Uzi wa Mikiri, na Meshulamu wa Shefatiya, Shefatiya wa Ruweli, Ruweli wa Ibuniya. 9 Benewabo hisunzwe urutonde rw’amamuko yabo bari 956. Abo bose bari abakuru b’imigwi mikurumikuru igize umuryango bavamwo.
10 Mu baherezi hari Yedaya, Yehoyaribu, Yakini+, 11 Azariya umuhungu wa Hilikiya, Hilikiya wa Meshulamu, Meshulamu wa Sadoki, Sadoki wa Merayoti, Merayoti wa Ahitubu indongozi mu nzu* y’Imana y’ukuri. 12 Hari na Adaya wa Yerohamu, Yerohamu wa Pashuri, Pashuri wa Malikiya, Mayasayi wa Adiyeli, Adiyeli wa Yahizera, Yahizera wa Meshulamu, Meshulamu wa Meshilemiti, Meshilemiti wa Imeri, 13 na benewabo. Bari abakuru b’imigwi mikurumikuru igize umuryango bavamwo bakaba n’abagabo b’intwari kandi bashoboye ibikorwa, biteguriye igikorwa co ku nzu y’Imana y’ukuri. Igitigiri cabo cari 1.760.
14 Mu Balewi hari Shemaya+ umuhungu wa Hashubu, Hashubu wa Azirikamu, Azirikamu wa Hashabiya. Bakomoka kuri Merari. 15 Hari na Bakibakari, Hereshi, Galali, Mataniya wa Mika, Mika wa Zikiri, Zikiri wa Asafu, 16 Obadiya wa Shemaya, Shemaya wa Galali, Galali wa Yedutuni, na Berekiya wa Asa, Asa wa Elikana, yaba mu bigwati vy’Abanyanetofa+.
17 Abarinda amarembo+ bari Shalumu, Akubu, Talimoni na Ahimani. Uwo mwenewabo Shalumu ni we yari umukuru 18 kandi yahora arinda irembo ry’umwami ryo mu buseruko+. Abo ni bo barinda amakambi y’Abalewi. 19 Shalumu umuhungu wa Kore, Kore wa Ebiyasafu, Ebiyasafu wa Kora, hamwe na benewabo ni bo bari bahagarikiye ibikorwa vy’abarinzi b’imiryango y’ihema. Shalumu n’abo benewabo bava mu muryango wa bene Kora. Ba se bari bajejwe ikambi ya Yehova, bakaba barinda ubwinjiriro bwayo. 20 Finehasi+ mwene Eleyazari+ ni we yahora ari indongozi yabo kandi Yehova yari kumwe na we. 21 Zakariya+ mwene Meshelemiya yarinda ubwinjiriro bw’ihema ry’ibonaniro.
22 Abatowe bose ngo babe abarinzi b’amarembo bari 212. Ibibanza babamwo vyisunga urutonde rwerekana amamuko yabo+. Dawidi na Samweli, umwe yahishurirwa n’Imana*+, ni bo babajeje iryo banga ry’abizigirwa. 23 Bo hamwe n’abahungu babo bari bajejwe amarembo y’inzu ya Yehova+ n’ay’ihema ryeranda*. 24 Abo barinzi b’amarembo bari mu mpande zine: mu buseruko, mu burengero, mu buraruko no mu bumanuko+. 25 Benewabo baza baraza gukorana na bo bavuye iyo baba, bakamarana imisi indwi. 26 Hariho abakuru* bane b’abarinzi b’amarembo bajejwe ibanga ry’abizigirwa. Bari Abalewi, bakaba bari bajejwe ivyumba vy’urusengero* n’ububiko bw’itunga ry’inzu y’Imana y’ukuri+. 27 Barara ku birindiro vyabo bakikuje inzu y’Imana y’ukuri kuko bari bashinzwe igikorwa co kuharinda. Kandi ni bo bari bajejwe urupfunguruzo, bakama bugurura uko bukeye.
28 Bamwe muri bo bari bajejwe ibikoresho+ bikoreshwa mu bijanye no gusenga. Igihe cose babisohoye canke bavyinjije barabiharura. 29 Hari abari bajejwe ibindi bikoresho, ibikoresho vyeranda vyose+, ifu inoze+, umuvinyu+, amavuta+, imibavu*+ n’amavuta amota neza*+. 30 Bamwe mu bahungu b’abaherezi bari bajejwe gukora uruvange rw’amavuta amota neza*. 31 Matitiya wo mu Balewi yari ajejwe ibanga ry’abizigirwa, akaba yari ashinzwe ibintu vyokejwe mu mapanu+. Yari imfura ya Shalumu, uwakomoka kuri Kora. 32 Bamwe muri benewabo b’Abakohati bari bajejwe ya mikate igerekeranye*+. Ni bo bayitegura buri sabato+.
33 Abo bari abaririmvyi bakaba n’abakuru b’imiryango mikurumikuru y’Abalewi. Baba bari mu vyumba vy’urusengero*. Bari barakuweko ayandi mabanga kubera bategerezwa gukora igikorwa bashinzwe ku murango no mw’ijoro. 34 Abo bose bari abakuru b’imigwi mikurumikuru igize umuryango w’Abalewi hakurikijwe amamuko yabo. Bari abakuru kandi baba i Yeruzalemu.
35 Yeyeli se wa Gibeyoni yaba i Gibeyoni+. Umugore wiwe yitwa Mayaka. 36 Umuhungu wiwe w’imfura yari Abudoni, agakurikirwa na Zuri, Kishi, Bayali, Neri, Nadabu, 37 Gedori, Ahiyo, Zakariya na Mikuloti. 38 Mikuloti yavyaye Shimeyamu. Bose babana na benewabo i Yeruzalemu, hafi ya benewabo bandi. 39 Neri+ yavyaye Kishi, Kishi avyara Sawuli+, Sawuli avyara Yonatani+, Malikishuwa+, Abinadabu+ na Eshibayali. 40 Yonatani yavyaye Meribu-Bayali+, Meribu-Bayali avyara Mika+. 41 Abahungu ba Mika bari Pitoni, Meleki, Tahireya na Ahazi. 42 Ahazi yavyaye Yara, Yara avyara Alemeti, Azimaveti na Zimuri. Zimuri yavyaye Moza, 43 Moza avyara Bineya, Bineya avyara Refaya, Refaya avyara Eleyasa, Eleyasa avyara Azeli. 44 Azeli yavyaye abahungu batandatu ari bo b’aba: Azirikamu, Bokeru, Ishimayeli, Sheyariya, Obadiya na Hanane. Abo bari abahungu ba Azeli.
10 Abafilisitiya barwana n’Abisirayeli. Abasoda ba Isirayeli bahunga Abafilisitiya kandi benshi muri bo bicirwa ku musozi Gilibowa+. 2 Abafilisitiya baguma basatira Sawuli n’abahungu biwe gushika aho bica abo bahungu ba Sawuli, ari bo Yonatani, Abinadabu na Malikishuwa+. 3 Urugamba rurakomera, Abafilisitiya basugereza cane Sawuli. Abarasisha umuheto baramubona, baramurasa arakomereka+. 4 Sawuli aca abwira uwumutwaza ibirwanisho ati: «Sokora inkota yawe uyinsogote, kugira ngo abo bagabo batagenyerewe* ntibaze ngo banyice rubi*+.» Mugabo uwumutwaza ibirwanisho aranka kuko yari afise ubwoba bwinshi. Nuko Sawuli afata inkota, ayitako+. 5 Uwumutwaza ibirwanisho abonye ko Sawuli apfuye, na we nyene aca afata inkota yiwe ayitako, arapfa. 6 Gutyo Sawuli, abahungu biwe batatu n’abo mu rugo rwiwe bose bari kumwe na we, bapfira hamwe+. 7 Abisirayeli bose bo mu kiyaya babonye yuko ingabo zose zahunze be n’uko Sawuli n’abahungu biwe bapfuye, baca bata ibisagara vyabo barahunga. Abafilisitiya baraza babibamwo.
8 Bukeye, Abafilisitiya baza gusahura ibintu vy’abo bishe, maze bubuka ku biziga vya Sawuli n’abahungu biwe ku musozi Gilibowa+. 9 Sawuli bamwambura ivyo afise, bamuca umutwe, batwara n’ibirwanisho vyiwe. Baca barungika intumwa mu gihugu cose c’Abafilisitiya kugira babimenyeshe ibigirwamana vyabo+ n’abantu. 10 Bashira ibirwanisho vyiwe mu rusengero* rw’imana yabo, agahanga kiwe na ko bakamanika ku rusengero rwa Dagoni+.
11 Ababa i Yabeshi+ mu karere ka Gileyadi bose bumvise ivyo Abafilisitiya bagiriye Sawuli vyose+, 12 abarwanyi bose baca barahaguruka baja gutora ikiziga ca Sawuli n’ibiziga vy’abahungu biwe babijana i Yabeshi. Bahamba amagufa yabo munsi y’igiti kinini kiri i Yabeshi+, baraheza bamara imisi indwi bisonzesheje.
13 Ukwo ni ko Sawuli yapfuye kubera ko yahemukiye Yehova, ntiyagamburuka ivyo Yehova yari yamubwiye+. Yapfuye kandi kubera ko yasiguje uwukora ivyo guhanuza abapfuye*+ 14 aho gusiguza Yehova. Ni co gituma yamwishe maze ubwami abuha Dawidi mwene Yese+.
11 Mu nyuma Abisirayeli bose bakoranira kuri Dawidi i Heburoni+, bamubwira bati: «Urazi ko dusangiye amaraso*+. 2 Aho hambere Sawuli akiri umwami, ni wewe wayobora Abisirayeli ku rugamba*+, kandi Yehova Imana yawe yakubwiye ati: “Ni wewe uzoragira abantu banje b’Abisirayeli, ube indongozi yabo*+.”» 3 Abashingantahe bose bo muri Isirayeli baza rero i Heburoni iyo umwami ari. Maze Dawidi agirana na bo isezerano imbere ya Yehova aho i Heburoni. Baca bamurobanuza amavuta*, aba umwami wa Isirayeli+ nk’uko Yehova yari yarabivuze biciye kuri Samweli+.
4 Mu nyuma Dawidi n’Abisirayeli bose baja i Yeruzalemu, ari ho Yebusi+. Abayebusi+ bo muri ico gihugu ni bo babayo. 5 Ababa i Yebusi bacokora Dawidi bati: «Ntuzopfa winjiye muri iki gisagara+!» Ariko Dawidi afata igisagara ca Siyoni+ gikingijwe ibihome, ubu kikaba citwa igisagara ca Dawidi+. 6 Dawidi yari yabwiye ingabo ziwe ati: «Uwo wese azotangura gutera Abayebusi, azoca aba umukuru n’umutware.» Maze Yowabu+ mwene Zeruwiya aba ari we atangura kubatera, aca aba umukuru. 7 Nuko Dawidi aja kuba muri ico gisagara gikingijwe ibihome. Ni co gituma bacise igisagara ca Dawidi. 8 Atangura kwubaka ico gisagara irya n’ino, ahereye ku gasozi Milo* gushika mu micungararo yaho, Yowabu na we asanura ibice vyaco vyari bisigaye. 9 Dawidi rero aguma arushiriza gukomera+, kandi Yehova Nyeningabo yari kumwe na we.
10 Aba rero ni bo bakuru b’abarwanyi b’intwari ba Dawidi bashigikiye rwose ubutegetsi bwiwe, bafadikanije n’Abisirayeli bose. Baragiye hamwe baramwimika nk’uko Yehova yari yarabivuze ku vyerekeye Isirayeli+. 11 Aba ni bo barwanyi batatu b’intwari ba Dawidi: uwa mbere yari Yashobeyamu+. Se yari mwene Hakimoni*. Yashobeyamu ni we yari umukuru w’abo batatu+. Igihe kimwe yishe abantu 300 akoresheje icumu ryiwe+. 12 Hakurikira Eleyazari+ mwene Dodo, Dodo mwene Ahohi+. Yari muri abo barwanyi batatu b’intwari. 13 Yari kumwe na Dawidi i Pasi-Damimu+, aho Abafilisitiya bari bakoraniye baje kurwana. Hariho umurima wuzuye sayiri*, kandi abasoda b’Abisirayeli bari bahunze kubera Abafilisitiya. 14 Mugabo we ahagarara hagati muri uwo murima arawurwanira, yica Abafilisitiya benshi. Yehova atahukana intsinzi* ikomeye+.
15 Umusi umwe abakuru batatu mu bakuru 30 ba Dawidi baja ku gitandara aho yari, kw’isenga ry’i Adulamu+. Ingabo z’Abafilisitiya zari zikambitse mu kiyaya ca Refayimu+. 16 Ico gihe Dawidi yari ahantu hatagira inkomanzi yakunda guhungira. I Betelehemu na ho hari ikirindiro c’Abafilisitiya. 17 Maze Dawidi avuga ikintu yipfuza cane ati: «Icompa utuzi two mw’itangi riri hafi y’irembo ry’i Betelehemu+!» 18 Ba bagabo batatu baca binjira ku nguvu mw’ikambi y’Abafilisitiya. Bavoma amazi muri iryo tangi ryari hafi y’irembo ry’i Betelehemu maze bayazanira Dawidi. Mugabo Dawidi yanka kuyanywa, ayasuka imbere ya Yehova. 19 Avuga ati: «Kubera ko ntinya Imana yanje, sinokwubahuka kunywa aya mazi! Kwoba ari nko kunywa amaraso y’aba bagabo bashize ubuzima bwabo mu kaga+, kuko bayazanye barinze gushira ubuzima bwabo mu kaga.» Yanka rero kuyanywa. Ivyo ni vyo abo barwanyi batatu b’intwari ba Dawidi bakoze.
20 Abishayi+ mwenewabo na Yowabu+ yari umukuru w’abandi barwanyi batatu b’intwari. Umusi umwe yishe abantu 300 akoresheje icumu ryiwe, kandi yari azwi cane nka ba barwanyi batatu bo mu mugwi wa mbere+. 21 Naho yemerwa cane mu mugwi wa batatu yatwara, ntiyashitse ku rwego rwa bamwe batatu ba mbere.
22 Benaya+ mwene Yehoyada na we nyene yari umugabo w’intwari*. Yarakoze ibikorwa vyinshi vy’ubuhizi i Kabuzeli+. Yishe abahungu babiri ba Ariyeli w’i Mowabu yongera amanuka mu kinogo* ku musi urubura* rwariko ruragwa, yicirayo intambwe+. 23 Yarishe n’umugabo w’Umunyamisiri afise igihagararo c’akataraboneka, yareha n’intambwe zitanu*+. Naho nya Munyamisiri yari afise icumu ryangana n’igiti abajisha impuzu bazingirako inyuzi+, Benaya yagiye kurwana na we yitwaje inkoni, aca amwaka nya cumu riba ari ryo amwicisha+. 24 Ivyo ni vyo Benaya mwene Yehoyada yakoze. Yari azwi cane nka ba barwanyi b’intwari batatu ba Dawidi. 25 Naho yemerwa cane kuruta bamwe mirongo itatu, ntiyashitse ku rwego rw’abo batatu+. Mugabo Dawidi yamugize umukuru w’abamucungerera ubuzima.
26 Abarwanyi b’intwari kuruta abandi mu ngabo bari aba: Asaheli+ mwenewabo na Yowabu, Elihanani mwene Dodo w’i Betelehemu+, 27 Shamoti w’i Harodi*, Helesi Umupeloni, 28 Ira+ mwene Ikeshi w’i Tekowa, Abiyezeri+ w’i Anatoti, 29 Sibekayi+ w’i Husha, Ilayi mwene Ahohi, 30 Maharayi+ w’i Netofa, Heledi+ mwene Bayana w’i Netofa, 31 Itayi mwene Ribayi w’i Gibeya mu karere k’Ababenyamini+, Benaya w’i Piratoni, 32 Hurayi wo mu myonga* y’i Gashi+, Abiyeli w’i Beti-Araba, 33 Azimaveti w’i Bahurimu, Eliyahuba w’i Shalubimu, 34 bene Hashemu Umugizoni, Yonatani mwene Shage Umuharari, 35 Ahiyamu mwene Sakari Umuharari, Elifali mwene Uri, 36 Heferi Umumekerati, Ahiya Umupeloni, 37 Heziro w’i Karumeli, Narayi mwene Ezubayi, 38 Yoweli mwenewabo na Natani, Mibuhari mwene Hagiri, 39 Zeleki Umwamoni, Naharayi w’i Beroti yatwaza ibirwanisho Yowabu mwene Zeruwiya, 40 Ira Umwituri, Garebu Umwituri, 41 Uriya+ Umuheti, Zabadi mwene Ahilayi, 42 Adina mwene Shiza Umurubeni akaba n’umukuru w’Abarubeni, ari kumwe n’abantu 30, 43 Hanane mwene Mayaka, Yoshafati Umumitini, 44 Uziya w’i Ashitaroti, Shama na Yeyeli bene Hotamu w’i Aroweri, 45 Yediyayeli mwene Shimuri, na mwenewabo Yoha Umutizi, 46 Eliyeli Umumahavi, Yeribayi na Yoshaviya bene Elunamu, Itima Umunyamowabu, 47 Eliyeli, Obedi na Yasiyeli Umumezoba*.
12 Aba ni bo baje aho Dawidi ari i Sikulagi+, ico gihe akaba atashobora kuja iyo ashaka kubera Sawuli+ mwene Kishi. Bari mu barwanyi b’intwari bafashije Dawidi mu ntambara+. 2 Barwanisha imiheto kandi bari bazi gukoresha ukuryo n’ukubamfu+ mu gutera amabuye bakoresheje umugozi+ canke mu kurasa imyampi bakoresheje umuheto. Bari benewabo* na Sawuli bo mu muryango wa Benyamini+. 3 Umukuru yari Ahiyezeri ari kumwe na Yowasi, bompi bakaba bari bene Shemaya w’i Gibeya+. Hari kandi Yeziyeli na Pelete bene Azimaveti+, Beraka, Yehu w’i Anatoti, 4 na Ishimaya w’i Gibeyoni+, umurwanyi w’intwari. Yari muri bamwe mirongo itatu+ akaba n’umukuru muri bo. Hari na Yeremiya, Yahaziyeli, Yohanani, Yozabadi w’i Gedera, 5 Eluzayi, Yerimoti, Beyaliya, Shemariya, Shefatiya Umuharifu, 6 Elikana, Ishiya, Azareli, Yowezeri na Yashobeyamu bakomoka kuri Kora+, 7 Yowela na Zebadiya bene Yerohamu w’i Gedori.
8 Mu Bagadi hari abagiye ku ruhande rwa Dawidi, bamusanga ahantu hatagira inkomanzi yakunda guhungira mu bugaragwa+. Bari abarwanyi b’intwari, abasoda bize kurwana kandi bazi gukoresha inkinzo zagutse n’amacumu. Mu maso basa n’intambwe, bakanyaruka nk’ingeregere ku misozi. 9 Umukuru yari Ezeri, uwa kabiri Obadiya, uwa gatatu Eliyabu, 10 uwa kane Mishumana, uwa gatanu Yeremiya, 11 uwa gatandatu Atayi, uw’indwi Eliyeli, 12 uw’umunani Yohanani, uw’icenda Elizabadi, 13 uw’icumi Yeremiya, uwa cumi na rimwe Makibanayi. 14 Abo bari abakuru b’ingabo bakomoka mu Bagadi+. Uwo hanyuma y’abandi muri bo yanesha abasoda 100, uwuhambaye kuruta abandi akanesha 1.000+. 15 Abo ni bo bajabutse uruzi Yorodani mu kwezi kwa mbere igihe rwari rwarenze inkombe, maze bomora ababa mu biyaya bose, mu buseruko no mu burengero.
16 Hari n’abo mu muryango wa Benyamini n’uwa Yuda baje iyo Dawidi ari, bamusanga ahantu hatagira inkomanzi yakunda guhungira+. 17 Maze Dawidi aja kubonana na bo ababwira ati: «Nimba muzanywe n’amahoro kugira mumfashe, turahuza*. Mugabo nimba muzanywe no kunshora ku bansi banje kandi ata kibi nakoze, Imana ya ba sogokuruza nibirabe, iheze ice urubanza+.» 18 Nuko impwemu y’Imana iza kuri* Amasayi+ umukuru wa bamwe mirongo itatu, avuga ati:
«Ewe Dawidi, turi abawe. Turi kumwe nawe mwene Yese+.
Gira amahoro, gira amahoro, n’abagufasha bagire amahoro,
kuko Imana yawe igufasha+.»
Nuko Dawidi arabakira maze abashira mu bakuru b’ingabo.
19 No mu muryango wa Manase, hari ingabo zatorotse Sawuli zija kwifatanya na Dawidi igihe yazanana n’Abafilisitiya baje gutera Sawuli. Mugabo Dawidi ntiyabaye agifasha Abafilisitiya+ kuko abatware babo bamaze kuvugana baciye bamusubiza inyuma, bavuga bati: «Yohava aduta agasubira ku mwami wiwe Sawuli, tukahasiga agatwe+.» 20 Aba ni bo bavuye mu muryango wa Manase, bakaja iyo ari i Sikulagi+: Aduna, Yozabadi, Yediyayeli, Mikayeli, Yozabadi, Elihu na Ziletayi. Bari abakuru b’imigwi y’abantu 1.000 mu muryango wa Manase+. 21 Barafashije Dawidi kurwanya ba bambuzi, kuko bose bari abarwanyi b’intwari kandi barinda+. Bahavuye baba abakuru mu ngabo. 22 Ku musi ku musi abantu baguma baza gufasha Dawidi+ gushika n’aho baba ingabo nyinshi nk’ingabo z’Imana+.
23 Ibi ni vyo bitigiri vy’ingabo* zitwaje ibirwanisho zaje iyo Dawidi ari i Heburoni+, kugira zimugire umwami mu gishingo ca Sawuli, nk’uko Yehova yari yarabitegetse+. 24 Mu muryango wa Yuda hari abasoda 6.800 batwara inkinzo zagutse n’amacumu ku bw’urugamba. 25 Mu muryango wa Simeyoni hari abasoda 7.100 b’intwari kandi barinda.
26 Mu Balewi hari 4.600. 27 Yehoyada+ ni we yari indongozi ya bene Aroni+, akaba yari kumwe n’abantu 3.700, 28 hamwe na Sadoki+, umusore w’intwari kandi arinda be n’abakuru 22 bo mu muryango wa ba sekuruza biwe.
29 Mu muryango wa Benyamini, benewabo na Sawuli+, hari 3.000. Benshi muri bo bahora bakingira inyungu z’umuryango wa Sawuli. 30 Mu muryango wa Efurayimu hari abasoda 20.800 b’intwari kandi barinda, abagabo ba rurangiranwa mu migwi mikurumikuru igize uwo muryango bavamwo.
31 Mu gice c’umuryango wa Manase, hari 18.000 bari batowe* ngo baze kwimika Dawidi. 32 Mu muryango wa Isakari, hari abakuru 200 bari bazi kuraba ingene ibintu vyifashe bagaca bamenya ico Abisirayeli bakwiye gukora, kandi ni bo batwara benewabo bose. 33 Mu muryango wa Zabuloni, hari abagabo 50.000 bashobora kurwana, bagatonda urugamba bafise ibirwanisho vy’ubwoko bwose. Bose biyunze kuri Dawidi n’umutima wabo wose*. 34 Mu muryango wa Nafutali, hari abakuru 1.000 bari kumwe n’abasoda 37.000 bafise inkinzo zagutse n’amacumu. 35 Mu Badani, hari abasoda 28.600 batonda urugamba. 36 Mu muryango wa Asheri na ho, hari abasoda 40.000 bashobora gutonda urugamba.
37 Hakurya ya Yorodani+ mu Barubeni, mu Bagadi no mu gice c’umuryango wa Manase havuye abasoda 120.000 bafise ibirwanisho vy’ubwoko bwose. 38 Abo bose bari abarwanyi biteguriye urugamba. Baje i Heburoni n’umutima wabo wose kugira bimike Dawidi ngo abe umwami wa Isirayeli yose. Abisirayeli bose basigaye na bo nyene bari bahuje inama* yuko Dawidi aba umwami+. 39 Nuko bagumana ng’aho na Dawidi imisi itatu, barya bongera banywa, kuko benewabo bari babiteguriye. 40 Ababa hafi mbere n’ababa kure nk’abo mu muryango wa Isakari, uwa Zabuloni n’uwa Nafutali, baguma bazana ibifungurwa ku ndogobwa, ku ngamiya, ku nyumpu* no ku nka. Bazana amafu, udukate dukozwe mu nsukoni zumye babumbabumvye n’udukozwe mu nzabibu zumye, umuvinyu, amavuta, inka n’intama vyinshi cane, kuko hari umunezero muri Isirayeli.
13 Nuko Dawidi aja inama n’abakuru b’imigwi y’abantu 1.000, ab’imigwi y’abantu 100 n’izindi ndongozi zose+. 2 Dawidi aca abwira ishengero ryose ry’Abisirayeli ati: «Nimba mubona ko ari vyiza kandi Yehova Imana yacu akaba abishima, reka dutumeko benewacu bandi bari mu turere twose twa Isirayeli. Dutumeko n’abaherezi n’Abalewi bari mu bisagara vyabo+ bifise amatongo yo kuragiramwo, 3 duheze tugarukane isandugu+ y’Imana yacu.» Ivyo yabivuze kubera ko abantu batari barayitayeho mu gihe ca Sawuli+. 4 Nuko ishengero ryose riravyemera kuko bose babona ko bibereye. 5 Dawidi akoranya rero Abisirayeli bose, kuva ku ruzi rwo* mu Misiri gushika i Lebo-Hamati*+, kugira ngo bazane isandugu y’Imana y’ukuri bayikuye i Kiriyati-Yeyarimu+.
6 Maze Dawidi n’Abisirayeli bose baduga i Bayala+, ari ho Kiriyati-Yeyarimu mu Buyuda, kugira ngo batoreyo isandugu ya Yehova Imana y’ukuri, umwe yicaye ku ntebe y’ubwami hejuru* y’abakerubi+. Imbere y’iyo sandugu ni ho abantu bambariza izina ryiwe. 7 Ariko bashira iyo sandugu y’Imana y’ukuri ku mukogote mushasha+, bayikura mu nzu ya Abinadabu. Uza na Ahiyo ni bo bari bayoboye uwo mukogote+. 8 Dawidi n’Abisirayeli bose bariko barigina imbere y’Imana y’ukuri n’inkomezi zabo zose. Bigina baririmba, bavuza inanga n’ibindi bicurarangisho vy’imirya, utugoma+, ivyuma bisama+ n’inzumbete+. 9 Ariko bashitse ku mbuga yo mu murima* ya Kidoni, inka zihakwa gutembagaza iyo sandugu. Uza aca atuma ukuboko arayifata. 10 Yehova aca ashavurira cane Uza, aramwica kubera ko yatumye ukuboko agafata iyo sandugu+. Uza apfira ng’aho imbere y’Imana+. 11 Mugabo Dawidi ashavuzwa* n’uko Yehova yarekuriye uburake bwiwe kuri Uza. Aho hantu baca bahita Peresi-Uza* gushika n’uyu musi.
12 Kuri uwo musi Dawidi aratinya kubera Imana y’ukuri, avuga ati: «Mbega isandugu y’Imana y’ukuri nzoyizana gute mu gisagara canje+?» 13 Dawidi ntiyazanye iyo sandugu mu gisagara iwe, ari co gisagara ca Dawidi. Yaciye ayirungika kwa Obedi-Edomu Umunyegati. 14 Iyo sandugu y’Imana y’ukuri yamaze amezi atatu mu rugo kwa Obedi-Edomu, kandi Yehova yaguma ahezagira urugo rwiwe n’ivyiwe vyose+.
14 Umwami Hiramu+ w’i Tiro arungika intumwa kwa Dawidi, amurungikira n’ibiti vy’amasederi, abubakisha amabuye* n’ababaza ibiti, kugira ngo bamwubakire inzu*+. 2 Dawidi amenya rero ko Yehova yakomeje ubutegetsi bwiwe muri Isirayeli+, akamugira umwami akomeye ku neza y’abantu biwe b’Abisirayeli+.
3 Dawidi amaze gushika i Yeruzalemu yabira abandi bagore+, avyara abandi bahungu n’abakobwa+. 4 Aya ni yo mazina y’abana yavyariye i Yeruzalemu+: Shamuwa, Shobabu, Natani+, Salomo+, 5 Ibuhari, Elishuwa, Elipeleti, 6 Noga, Nefegi, Yafiya, 7 Elishama, Beliyada na Elifeleti.
8 Abafilisitiya bumvise yuko Dawidi yarobanujwe amavuta* ngo abe umwami wa Isirayeli yose+, bose baca baza kumuhiga+. Dawidi avyumvise, aca aja kubarwanya. 9 Abafilisitiya bashitse, batangura kugaba ibitero mu kiyaya ca Refayimu+. 10 Dawidi abaza Imana ati: «Nduge kurwanya Abafilisitiya? Uramfasha kubatsinda?» Yehova amwishura ati: «Duga ubarwanye, ndagufasha kubatsinda+.» 11 Nuko Dawidi aduga i Bayali-Perasimu+, ahatsindira Abafilisitiya. Maze Dawidi avuga ati: «Imana y’ukuri yaciye inzira mu bansi banje biciye kuri jewe, nka kurya amazi amena agaca inzira.» Ni co gituma aho hantu bahise Bayali-Perasimu*. 12 Abafilisitiya bata ng’aho imana zabo maze Dawidi ategeka ko baziturira+.
13 Mu nyuma Abafilisitiya bongera kugaba igitero mu kiyaya+. 14 Dawidi asubira guhanuza Imana, maze Imana y’ukuri imwishura iti: «Ntubatere uzananye imbere yabo. Ahubwo zunguruka uce inyuma yabo, murwanire imbere y’ibisaka* vy’imibaka+. 15 Niwumva urwamo nk’urw’abantu bariko baratambuka ruvugira hejuru ya nya bisaka, uce ugaba igitero. Imana y’ukuri izoba yakwitangiye imbere kugira igufashe kwica ingabo z’Abafilisitiya+.» 16 Nuko Dawidi agira nk’uko Imana y’ukuri imutegetse+. Bica ingabo z’Abafilisitiya kuva i Gibeyoni gushika i Gezeri+. 17 Dawidi aba rurangiranwa mu bihugu vyose, kandi Yehova atuma amahanga yose amutinya+.
15 Dawidi abandanya kwiyubakira amazu muri ca gisagara ca Dawidi, ategura n’ahantu isandugu y’Imana y’ukuri izoja be n’ihema izoshirwamwo+. 2 Ico gihe ni ho Dawidi yavuga ati: «Nta n’umwe akwiye kurerura isandugu y’Imana y’ukuri kiretse Abalewi, kuko ari bo Yehova yatoye ngo baze bararerura isandugu ya Yehova no kugira ngo bame bamukorera+.» 3 Maze Dawidi akoraniriza Abisirayeli bose i Yeruzalemu kugira ngo baje kuzana isandugu ya Yehova, bayishire mu kibanza yari yayiteguriye+.
4 Dawidi akoranya abakomoka kuri Aroni+ n’Abalewi+. 5 Aba ni bo baje mu Bakohati: umukuru yari Uriyeli na benewabo 120. 6 Mu Bamerari: umukuru yari Asaya+ na benewabo 220. 7 Mu Bagerushomu: umukuru yari Yoweli+ na benewabo 130. 8 Mu bakomoka kuri Elizafani+: umukuru yari Shemaya na benewabo 200. 9 Mu bakomoka kuri Heburoni: umukuru yari Eliyeli na benewabo 80. 10 Mu bakomoka kuri Uziyeli+: umukuru yari Aminadabu na benewabo 112. 11 Dawidi ahamagara n’abaherezi Sadoki+ na Abiyatari+ n’Abalewi Uriyeli, Asaya, Yoweli, Shemaya, Eliyeli na Aminadabu. 12 Ababwira ati: «Muri abakuru b’imigwi mikurumikuru igize umuryango w’Abalewi. Mwebwe na benewanyu nimwiyeze, muheze muje kuzana isandugu ya Yehova Imana ya Isirayeli, muyishire mu kibanza nayiteguriye. 13 Kubera ko ubwa mbere atari mwebwe mwayireruye+, Yehova Imana yacu yaciye aturekurirako ishavu ryiwe+. Ivyo vyabaye kubera ko tutarondeye kumenya uburyo bwiza bwo kubikora+.» 14 Nuko abaherezi n’Abalewi bariyeza kugira bazane isandugu ya Yehova Imana ya Isirayeli.
15 Maze Abalewi barerura isandugu y’Imana y’ukuri ku bitugu bakoresheje ibibando*+, nk’uko Musa yari yarabitegetse abibwiwe na Yehova. 16 Dawidi aca abwira abakuru b’Abalewi ngo batore abaririmvyi muri benewabo, kugira ngo baririmbe banezerewe bajana n’umuziki w’ibicurarangisho vy’imirya, inanga+ n’ivyuma bisama+.
17 Nuko Abalewi batora muri benewabo Hemani+ mwene Yoweli, Asafu+ mwene Berekiya na Etani+ mwene Kushaya wo mu Bamerari. 18 Bari kumwe na benewabo bo mu mugwi ugira kabiri+, ari bo Zakariya, Beni, Yaziyeli, Shemiramoti, Yehiyele, Uni, Eliyabu, Benaya, Mayaseya, Matitiya, Elifelehu, Mikineya n’abarinzi b’amarembo ari bo Obedi-Edomu na Yeyeli. 19 Abaririmvyi Hemani+, Asafu+ na Etani bahawe kuvuza ivyuma bisama vyo mu mujumpu+. 20 Zakariya, Aziyeli, Shemiramoti, Yehiyele, Uni, Eliyabu, Mayaseya na Benaya bavuza ibicurarangisho vy’imirya baregeye kw’ijwi ryo hejuru*+. 21 Matitiya+, Elifelehu, Mikineya, Obedi-Edomu, Yeyeli na Azaziya bavuza inanga baregeye kw’ijwi ryo hasi*+, kugira ngo bayobore abandi. 22 Kenaniya+ umukuru w’Abalewi ni we yari ajejwe ivyo gutwara isandugu, kuko yari umuhinga. 23 Berekiya na Elikana barinda iyo sandugu. 24 Abaherezi Shebaniya, Yoshafati, Netaneli, Amasayi, Zakariya, Benaya na Eliyezeri bavuza inzumbete n’ijwi rinini imbere y’isandugu y’Imana y’ukuri+. Obedi-Edomu na Yehiya na bo nyene barinda isandugu.
25 Nuko Dawidi n’abashingantahe bo muri Isirayeli n’abakuru b’imigwi y’abantu 1.000 baja gutora isandugu y’isezerano rya Yehova kwa Obedi-Edomu+ bari mu kanyamuneza+. 26 Imana y’ukuri yarafashije Abalewi bari bareruye isandugu y’isezerano rya Yehova, maze bashikana amashuri indwi n’impfizi z’intama indwi+. 27 Dawidi yari yambaye ikanzu itagira amaboko, ikozwe mu gitambara ciza. Abalewi bose bari bareruye isandugu, abaririmvyi na Kenaniya wa mukuru yari ajejwe abaririmvyi n’ivyo gutwara isandugu, na bo nyene bari bambaye gutyo. Dawidi yari yambaye na efodi* yera+. 28 Abisirayeli bose bariko bazana isandugu y’isezerano rya Yehova bavuza impundu+, inzamba, inzumbete+, ivyuma bisama, bakavuza n’ibicurarangisho vy’imirya be n’inanga+ n’ijwi rinini.
29 Mugabo isandugu ya Yehova ishitse mu gisagara ca Dawidi+, Mikali+ umukobwa wa Sawuli araba hasi ari mw’idirisha. Maze abona umwami Dawidi ariko yikina amatavu, yigina uwo musi. Mikali aca atangura kumugayira mu mutima+.
16 Bazana rero ya sandugu y’Imana y’ukuri, bayishira mw’ihema Dawidi yari yayiteguriye+. Baca bashikanira imbere y’Imana y’ukuri amashikanwa aturirwa n’ibimazi vyo gusangira+. 2 Dawidi arangije gushikana ivyo bimazi biturirwa+ n’ivyo gusangira+, aca ahezagira abantu mw’izina rya Yehova. 3 Vyongeye Abisirayeli bose, baba abagabo canke abagore, umwe wese amuha umukate w’umuzingi n’akantu ko kurya gakozwe mu vyamwa vy’itende* n’agakozwe mu nzabibu zumye. 4 Maze atora bamwe mu Balewi ngo bakorere imbere y’isandugu ya Yehova+, ngo batere iteka* Yehova Imana ya Isirayeli, bamukengurukire bongere bamushemeze. 5 Asafu+ ni we yari umukuru agakurikirwa na Zakariya. Yeyeli, Shemiramoti, Yehiyele, Matitiya, Eliyabu, Benaya, Obedi-Edomu na Yeyeli+ bavuza ibicurarangisho vy’imirya n’inanga+. Asafu yavuza ivyuma bisama+, 6 abaherezi Benaya na Yahaziyeli na bo bakama bavuza inzumbete imbere y’isandugu y’isezerano ry’Imana y’ukuri.
7 Kuri uwo musi ni ho Dawidi yatunganya* ari bwo bwa mbere indirimbo yo gushemeza Yehova biciye kuri Asafu+ na benewabo ati:
10 Nimwiratire izina ryiwe ryeranda+.
Umutima w’abarondera Yehova nunezerwe+.
11 Nimurondere Yehova+ n’inkomezi ziwe.
Nimugume murondera gushimwa na we*+.
12 Nimwibuke ibikorwa bitangaje yakoze+,
mwibuke ibitangaro yakoze n’imanza yaciye,
13 yemwe ruvyaro* rw’umusavyi wiwe Isirayeli+,
yemwe bahungu ba Yakobo, abo yitoreye+.
Imanza ziwe zikora* mw’isi yose+.
15 Nimwibuke isezerano ryiwe ibihe bidahera,
mwibuke umuhango yatanze*, gushika ku runganwe* rugira igihumbi+.
16 Nimwibuke isezerano yagiraniye na Aburahamu+,
n’indahiro yarahiye Izahaki+.
17 Iyo ndahiro yayigize itegeko kuri Yakobo+,
ayigira isezerano ryamaho kuri Isirayeli,
18 avuga ati: “Nzoguha igihugu ca Kanani+,
kibe intoranwa yawe+.”
21 Ntiyemeye ko hagira umuntu n’umwe abacinyiza+,
ahubwo yarakosoye abami kubera bo+,
22 ababwira ati: “Ntimukore ku bo narobanuye*,
kandi ntihagire ikibi na kimwe mukorera abahanuzi banje+.”
23 Nimuririmbire Yehova, yemwe abo kw’isi mwese!
Uko bukeye, nimutangaze ubukiriro atanga+!
24 Nimumenyekanishe ubuninahazwa bwiwe mu mahanga,
mumenyekanishe ibikorwa vyiwe bitangaje mu makungu yose.
25 Kuko Yehova ahambaye kandi akaba abereye gushemezwa cane.
Arateye akoba gusumba izindi mana zose+.
28 Yemwe miryango y’amahanga, nimuhe Yehova ivyo akwiriye.
Nimuhe Yehova ivyo akwiriye kubera ubuninahazwa bwiwe n’inkomezi ziwe+.
Nimwunamire* Yehova mwambaye ivyambarwa vyeranda*+.
30 Nimujugumire imbere yiwe, yemwe abo kw’isi mwese!
Isi* yarashimangiwe, ntishobora kunyiganyizwa+.
32 Ikiyaga n’ibicuzuye vyose nibituragare.
Imirima n’ibiyirimwo vyose nibinezerwe.
33 Ibiti vyo mw’ishamba na vyo nyene nibivuze impundu imbere ya Yehova,
kuko aje* gucira urubanza isi.
35 Nimuvuge muti: “Dukize, ewe Mana y’ubukiriro bwacu+,
udukoranye maze udukure mu mahanga,
kugira dutazire izina ryawe ryeranda+
Abantu bose baca bavuga bati: «Amen*!», maze bashemeza Yehova.
37 Maze Dawidi asiga Asafu+ na benewabo ng’aho imbere y’isandugu y’isezerano rya Yehova ngo babandanye gukorera imbere y’iyo sandugu+, nk’uko bisanzwe bigirwa buri musi+. 38 Obedi-Edomu na benewabo 68, na Obedi-Edomu mwene Yedutuni na Hosa bari abarinzi b’amarembo. 39 Umuherezi Sadoki+ n’abaherezi bagenziwe na bo yabasize imbere y’ihema ryeranda rya Yehova ryari mu kibanza co gusengeramwo* cari i Gibeyoni+, 40 kugira ngo bame bashikanira Yehova mu gitondo no ku mugoroba amashikanwa aturirwa ku gicaniro c’amashikanwa aturirwa, no kugira ngo bitwararike ibintu vyose vyanditswe mu mategeko Yehova yahaye Isirayeli+. 41 Bari kumwe na Hemani na Yedutuni+ n’abandi bagabo bari batowe* ngo bakengurukire Yehova+, kuko urukundo* rwiwe rwamaho ibihe vyose+. 42 Hemani+ na Yedutuni bari bajejwe kuvuza inzumbete, ivyuma bisama n’ibindi bicurarangisho bakoresha mu gushemeza Imana y’ukuri*. Bene Yedutuni+ bari bajejwe irembo. 43 Maze abantu bose barataha, Dawidi na we aja guhezagira abo mu rugo rwiwe.
17 Dawidi akimara kwinjira inzu* yiwe akayibamwo, abwira umuhanuzi Natani+ ati: «Jewe mba mu nzu y’amasederi+, ariko isandugu y’isezerano rya Yehova ikaba mw’ihema+.» 2 Natani yishura Dawidi ati: «Kora ikiri ku mutima wawe cose, kuko Imana y’ukuri iri kumwe nawe.»
3 Muri iryo joro, Imana ibwira Natani iti: 4 «Genda ubwire umusavyi wanje Dawidi uti: “Yehova avuze ati: ‘Si wewe uzonyubakira inzu yo kubamwo+. 5 Erega kuva nkura Abisirayeli mu Misiri* gushika n’uyu musi, sinigeze mba mu nzu. Nagumye mva mw’ihema nja mu rindi, mva aha nkaja ahandi*+. 6 Igihe cose namaze njana n’Abisirayeli bose, noba narigeze mvuga nti: “Kubera iki mutanyubakiye inzu y’amasederi?” Mu bacamanza ba Isirayeli nagenye ngo baragire abantu banje, hari n’umwe nigeze nsaba ico kintu?’”
7 Bwira rero umusavyi wanje Dawidi uti: “Yehova Nyeningabo avuze ati: ‘Nagukuye aho waragira ibitungwa, ndakugira indongozi y’abantu banje b’Abisirayeli+. 8 Nzobana nawe aho uzoja hose+, nkureho abansi bawe bose bakuve imbere+. Nzotuma izina ryawe riba nk’iry’abantu bakomakomeye bo kw’isi+. 9 Nzoha abantu banje b’Abisirayeli ikibanza bakibemwo, bagishingemwo imizi, ntihagire uwongera kubabuza amahoro. Ababisha ntibazokwongera kubacinyiza* nk’uko babigize+ 10 kuva igihe nagena abacamanza kugira bayobore abantu banje b’Abisirayeli+. Nzotsinda abansi bawe bose+. Kandi jewe Yehova ndabikubwiye: nzotuma ugira umuryango ukomokamwo abami*.
11 Ubuzima bwawe nibwarangira ugapfa*, umwe mu bahungu bawe, uruvyaro* rwawe bwite+, nzomugira umwami mu kibanza cawe. Kandi ubwami bwiwe nzobukomeza+. 12 Ni we azonyubakira inzu+ kandi ubutegetsi* bwiwe nzobukomeza ibihe bidahera+. 13 Nzomubera se, na we ambere umwana+. Sinzoreka kumugirira ubuntu*+ nk’uko naretse kubugirira uwari ahari imbere yawe+. 14 Nzomuha intwaro yanje, agumeho ibihe vyose+. Umuryango wiwe uzokwama ukomokamwo abami kandi intebe yiwe y’ubwami izogumaho ibihe vyose+.’”»
15 Natani abwira Dawidi ayo majambo yose n’ivyo yeretswe vyose.
16 Umwami Dawidi aca aja kwicara hasi imbere ya Yehova, maze avuga ati: «Mbega ndi nde ga Yehova Mana? Kubera iki uguma unkorera ibi vyiza vyose kandi umuryango wanje ata co uvuze+? 17 Ewe Mana, raba uvuze n’ibizoba ku muryango wanje mu gihe ca kure nk’aho umengo ivyo umaze kunkorera jewe umusavyi wawe ntibikwiye+. Kandi wambonye nk’umuntu akwiye guterwa iteka ryinshi*, ewe Yehova Mana. 18 Hari ikindi jewe umusavyi wawe Dawidi novuga kuri iryo teka unteye? Erega wewe uranzi neza+. 19 Ewe Yehova, wahishuye ubukuru bwawe ukora ivyo bintu bikomeye vyose, ubikora ku neza yanje jewe umusavyi wawe no kubera ko bihuye n’ivyo ugomba+. 20 Ewe Yehova, nta muntu n’umwe ameze nkawe+ kandi nta Mana iriho atari wewe+. Ivyo twumvise vyose birabitwemeza. 21 Vyongeye, ni ihanga irihe kw’isi rimeze nk’abantu bawe b’Abisirayeli+? Waragiye urabacungura Mana y’ukuri, ubagira abantu bawe+. Watumye izina ryawe riba rurangiranwa mu gukora ibintu bikomeye kandi biteye ubwoba+, wirukana amahanga ngo abise abantu bawe+ wacunguye ubakuye mu Misiri. 22 Abisirayeli wabagize ihanga ryawe, baba abawe ibihe vyose+. Nawe Yehova, wabaye Imana yabo+. 23 None rero ga Yehova, ivyo wasezeranye ku vyerekeye jewe umusavyi wawe n’umuryango wanje, uze ubishitse ibihe vyose, ubikore nk’uko wabisezeranye+. 24 Izina ryawe nirihangame* kandi rishirwe hejuru+ ibihe bidahera, kugira ngo abantu bavuge bati: “Yehova Nyeningabo, Imana ya Isirayeli, ni we Mana ya Isirayeli.” Nutume umuryango w’umusavyi wawe Dawidi ushinga imizi+. 25 Kuko wewe Mana yanje, wampishuriye umugambi wo kumpa umuryango ukomokamwo abami*. Ni co gitumye jewe umusavyi wawe ndagutura iri sengesho umutima uri mu nda. 26 Ewe Yehova, uri Imana y’ukuri kandi jewe umusavyi wawe unsezeraniye ivyiza. 27 Ndagusavye rero uhezagire umuryango wanje, utume wamaho ibihe vyose. Ewe Yehova, umuryango wanje warawuhezagiye kandi uzokwama uhezagiwe ibihe vyose.»
18 Mu nyuma, Dawidi atsinda Abafilisitiya+ arabahasha, abatwara igisagara ca Gati+ n’udusagara tuhegukira*. 2 Dawidi atsinda Abanyamowabu+ maze atangura kubaganza, bakaza baramuzanira ikori*+.
3 Dawidi atsinda na Hadadezeri+ umwami w’i Zoba+, amutsindira hafi y’i Hamati+. Ico gihe Hadadezeri yari agiye gukomeza ubutegetsi bwiwe mu karere gaherereye ku ruzi Efurate+. 4 Dawidi amutwara imikogote 1.000, abarwanira ku mafarasi 7.000 n’abarwanira hasi 20.000+. Amafarasi yose akwega imikogote ayavuna amaguru*, asigaza 100 gusa+. 5 Abasiriya b’i Damasiko baza gutabara Hadadezeri umwami w’i Zoba, mugabo Dawidi yica abasoda b’Abasiriya 22.000+. 6 Dawidi aca ashira ibirindiro i Damasiko muri Siriya. Abasiriya batangura kuganzwa na we, bakaza baramuzanira ikori. Aho Dawidi yaja hose, Yehova yaramuha intsinzi*+. 7 Dawidi yaka abantu ba Hadadezeri inkinzo* z’inzahabu bari bafise, azijana i Yeruzalemu. 8 Dawidi atwara n’ubutare bwinshi cane bw’umujumpu, abukuye mu gisagara ca Tibuhati n’ica Kuni vyegukira Hadadezeri. Ni bwo Salomo yakozemwo ca gitangi c’umujumpu citwa Ikiyaga+, za nkingi n’ibikoresho vy’umujumpu+.
9 Toyu* umwami w’i Hamati yumvise ko Dawidi yatsinze ingabo zose z’umwami Hadadezeri+ w’i Zoba+, 10 ubwo nyene aca arungika umuhungu wiwe Hadoramu kuramutsa umwami Dawidi no kumukeza kubera yarwanije Hadadezeri akamutsinda (kuko Hadadezeri yakunda kurwana na Toyu). Hadoramu yaje azanye ubwoko bwose bw’ibintu bikozwe mu nzahabu, mw’ifeza no mu mujumpu. 11 Umwami Dawidi avyegurira* Yehova+, nk’uko yabigize kw’ifeza n’inzahabu yakuye muri aya mahanga yose: Abanyedomu, Abanyamowabu, Abamoni+, Abafilisitiya+ n’Abamaleki+.
12 Abishayi+ mwene Zeruwiya+ yishe Abanyedomu 18.000 mu mubande w’Umunyu+. 13 Ashira ibirindiro mu karere ka Edomu maze Abanyedomu bose batangura kuganzwa na Dawidi+. Aho Dawidi yaja hose, Yehova yaramuha intsinzi*+. 14 Dawidi abandanya kuganza Isirayeli yose+. Abo yatwara bose yabatwara neza*, akabatunganiriza+. 15 Yowabu mwene Zeruwiya yari umukuru w’ingabo+, Yehoshafati+ mwene Ahiludi yari umwanditsi w’ivyaja biraba, 16 Sadoki mwene Ahitubu na Ahimeleki mwene Abiyatari bari abaherezi, Shavusha na we akaba umunyamabanga. 17 Benaya mwene Yehoyada ni we yari arongoye Abakereti+ n’Abapeleti*+. Abahungu ba Dawidi ni bo bakurikira havuye umwami.
19 Mu nyuma Nahashi umwami w’Abamoni arapfa, umuhungu wiwe aca atangura kuganza mu kibanza ciwe+. 2 Maze Dawidi avuga ati: «Nzogirira neza*+ Hanuni mwene Nahashi kubera ko se yangiriye neza.» Dawidi aca arungika intumwa ngo zije kumuhoza kubera yari yabuze se. Abo bantu ba Dawidi bageze mu gihugu c’Abamoni+ guhoza Hanuni, 3 abakuru b’Abamoni babwira Hanuni bati: «Wibaza ko Dawidi arungitse abaguhoza kugira ngo atere iteka so? Ahubwo abarungitse kugira bihweze neza igisagara, basume urusaku* maze bagutembagaze.» 4 Hanuni aca afata abo bantu ba Dawidi, abamwa ubwanwa ku ruhande rumwe+ yongera agegenera impuzu zabo ku bisusu, araheza arabarungika. 5 Umwami Dawidi amenye ivyabashikiye, ubwo nyene aca atuma abaja guhura na bo, kuko bari bateterejwe rwose. Abatuma kubabwira ngo: «Nimugume i Yeriko+ gushika ubwanwa bwanyu busubiye gukura, muheze mugaruke.»
6 Mu nyuma Abamoni babona yuko basigaye banukira Dawidi. Hanuni n’Abamoni baca barungika intumwa i Mezopotamiya*, i Aramu-Mayaka n’i Zoba+. Bazirungikanye italanto* 1.000 z’ifeza ngo zirondere imikogote n’abarwanira ku mafarasi. 7 Nuko izo ntumwa zihabwa imikogote 32.000. Zihera n’umwami w’i Mayaka n’ingabo ziwe. Hanyuma baraza bakambika imbere ya Medeba+. Abamoni na bo bava mu bisagara vyabo bakoranira hamwe, bitegurira urugamba.
8 Dawidi avyumvise, arungika Yowabu+ n’ingabo zose, ari kumwe n’abarwanyi b’intwari kurusha abandi+. 9 Maze Abamoni barasohoka batonda urugamba imbere y’irembo ry’igisagara. Nayo abami bari baje kubafasha, bari ukwabo mu gahinga.
10 Yowabu abonye ko ibitero biriko bimuturuka imbere n’inyuma, aca afata bamwe mu basoda b’abahizi bo muri Isirayeli, abatondesha urugamba kugira barwane n’Abasiriya+. 11 Abasoda basigaye, abazeza mwenewabo* Abishayi+ kugira ngo abatondeshe urugamba barwane n’Abamoni. 12 Yowabu aca amubwira ati: «Abasiriya+ nibandusha inguvu, uce uza untabare. Nawe Abamoni nibakurusha inguvu ndagutabara. 13 Dukomere kandi tugire umutima rugabo+, turwanire abantu bacu n’ibisagara vy’Imana yacu. Yehova na we araheza akore ico abona ko kibereye.»
14 Nuko Yowabu n’ingabo ziwe baregera kugira batane mu mitwe n’Abasiriya, maze Abasiriya barabahunga+. 15 Abamoni babonye ko Abasiriya bahunze, na bo nyene baca bahunga mwenewabo Abishayi binjira mu gisagara. Yowabu aca asubira i Yeruzalemu.
16 Abasiriya bamaze kubona ko batsinzwe n’Abisirayeli, baca batumako Abasiriya bo mu karere ka rwa ruzi runini*+. Shofaki* umukuru w’ingabo za Hadadezeri ni we yari abarongoye+.
17 Dawidi abimenye, aca akoranya ingabo za Isirayeli zose maze ajabuka Yorodani ashika aho Abasiriya bari. Dawidi n’ingabo ziwe baca batonda urugamba ngo batane mu mitwe n’Abasiriya, Abasiriya na bo batangura kumurwanya+. 18 Mugabo Abasiriya bahunga Abisirayeli. Dawidi yica muri bo abasoda 7.000 batwara imikogote n’abasoda 40.000 barwanira hasi. Yica na Shofaki umukuru w’ingabo zabo. 19 Abatwarwa na Hadadezeri babonye ko batsinzwe n’Abisirayeli+, baca bagirana amasezerano y’amahoro na Dawidi bemera kuganzwa na we+. Abasiriya ntibasubiye kwemera gufasha Abamoni.
20 Mu ntango z’umwaka*, abami barakunda kuja ku rugamba. Yowabu+ ajana rero n’ingabo ziwe gutera igihugu c’Abamoni aragitikiza. Aragenda yugariza igisagara ca Raba+, ariko Dawidi we aguma i Yeruzalemu+. Yowabu atera ico gisagara, agisenyurira hasi+. 2 Dawidi akura urugori ku mutwe w’ikigirwamana Malikamu*. Yasanze rupima italanto imwe* y’inzahabu kandi rwariko amabuye y’agaciro. Baciye barwambika Dawidi ku mutwe. Yarasahuye n’ibintu vyinshi muri ico gisagara+. 3 Atwara abantu bo muri ico gisagara, abakoresha ibikorwa vy’agahato+: ivyo kubaza amabuye n’ibisaba gukoresha amashoka n’ibindi bikoresho bikarishe bikozwe mu vyuma. Ukwo ni ko Dawidi yagiriye ibisagara vyose vy’Abamoni. Amaherezo we n’ingabo zose basubira i Yeruzalemu.
4 Mu nyuma haduka intambara hagati y’Abafilisitiya n’Abisirayeli i Gezeri. Ni ho Sibekayi+ w’i Husha* yica umugabo akomoka ku Barefayimu+ yitwa Sipayi*. Abafilisitiya baratsindwa.
5 Hongera kwaduka intambara hagati y’Abafilisitiya n’Abisirayeli. Maze Elihanani mwene Yayiri yica Lahumi mwenewabo na Goliyati+ Umunyegati. Uruti rw’icumu ryiwe rwangana n’igiti abajisha impuzu bazingirako inyuzi+.
6 Haduka kandi intambara i Gati+. Aho i Gati hari umugabo w’igihagararo c’akataraboneka+. Yari afise intoke n’amano bitandatubitandatu, vyose hamwe bikaba vyari 24. Na we nyene yakomoka ku Barefayimu+. 7 Yaguma acokora+ Abisirayeli. Maze Yonatani mwene Shimeya+ aramwica. Shimeya yari mwenewabo na Dawidi.
8 Abo bagabo bakomoka ku Barefayimu+ b’i Gati+. Bishwe na Dawidi n’ingabo ziwe.
21 Shetani* ahagurukira Isirayeli, yosha Dawidi ngo aharure Abisirayeli+. 2 Nuko Dawidi abwira Yowabu+ n’abatware ati: «Genda muharure Isirayeli kuva i Beri-Sheba gushika i Dani+, muheze mumenyeshe igitigiri cabo.» 3 Mugabo Yowabu avuga ati: «Yehova nagwize abantu biwe incuro 100. Mwami wanje databuja, none bose ntibasanzwe ari abasuku bawe? Kubera iki none ga databuja ushaka gukora ico kintu? Kubera iki wocumuza Abisirayeli?»
4 Mugabo umwami yanka kwumviriza Yowabu. Yowabu aca aragenda anyuragira muri Isirayeli yose, mu nyuma agaruka i Yeruzalemu+. 5 Yowabu araheza ashikiriza Dawidi igitigiri c’abo baharuye: mu muryango wa Yuda hari abarwanyi 470.000 barwanisha inkota, mu yindi miryango yose ya Isirayeli na ho bari 1.100.000+. 6 Mugabo abo mu muryango wa Lewi n’uwa Benyamini, Yowabu ntiyabaharuyemwo+ kubera ko yari yashishwe n’ivyo umwami yamutegetse+.
7 Ico gikorwa co guharura abantu kibabaza cane Imana y’ukuri ku buryo ihana Isirayeli. 8 Dawidi aca abwira Imana y’ukuri ati: «Nakoze igicumuro gikomeye+. Ndakwinginze rero umbabarire jewe umusavyi wawe+. Ni ukuri nakoze ivy’ubupfu+.» 9 Maze Yehova abwira umuhanuzi Gadi+ yamenyesha Dawidi ivyo Imana yamweretse ati: 10 «Genda ubwire Dawidi uti: “Ibi ni vyo Yehova avuze: ‘Hitamwo kimwe muri ibi bintu bitatu kibe ari co ndaguhanisha.’”» 11 Nuko Gadi aza kwa Dawidi amubwira ati: «Ibi ni vyo Yehova avuze: “Hitamwo kimwe: 12 ushima ko hatera inzara izomara imyaka itatu+? Canke ko umara amezi atatu utsindwa n’abansi bawe, inkota yabo igukurikira+? Canke ko mumara imisi itatu mwicwa n’inkota ya Yehova, umumarayika wa Yehova+ akabicisha ikiza+ mu karere kose ka Isirayeli?” Iyumvire rero umbwire ico nishura uwantumye.» 13 Dawidi aca yishura Gadi ati: «Numva binteye intuntu nyinshi. Mugabo hako mpanwa n’umuntu+, ndagusavye mpfume mpanwa na Yehova kuko afise imbabazi nyinshi cane+.»
14 Yehova aca ateza ikiza+ muri Isirayeli, gihitana abantu 70.000+. 15 Vyongeye, Imana y’ukuri irungika umumarayika ngo atikize ab’i Yeruzalemu. Mugabo agira atangure kubikora, Yehova arabibona aricuza* kubera ico cago+. Aca abwira uwo mumarayika yari ajejwe gutikiza ati: «Geza aho birakwiye+!» Uwo mumarayika wa Yehova yari hafi y’imbuga yo mu murima* wa Orunani*+ Umuyebusi+.
16 Dawidi yunamuye amaso, abona nya mumarayika wa Yehova ahagaze hagati y’isi n’ijuru. Yari yasokoye inkota yiwe+ ayifise mu kuboko, ayerekeje i Yeruzalemu. Dawidi n’abashingantahe baca bikubita hasi, barunama mu maso hashika hasi+. Bari bambaye amagunira+. 17 Dawidi abwira Imana y’ukuri ati: «Si jewe none nategetse ko baharura abantu? Ko ari jewe nacumuye ngakora nabi+, aba bantu* bazira iki? Yehova Mana yanje, ndagusavye abe ari jewe uhana twe n’umuryango wa dawe, mugabo ntuteze ikiza abantu bawe+.»
18 Umumarayika wa Yehova aca abwira Gadi+ ngo abarire Dawidi aduge kwubakira Yehova igicaniro ku mbuga yo mu murima wa Orunani Umuyebusi+. 19 Dawidi aca adugayo nk’uko Gadi yari abimubwiye mw’izina rya Yehova. 20 Orunani yariko akubita ingano. Ahindukiye abona nya mumarayika, abahungu biwe bane bari kumwe na we baca barinyegeza. 21 Dawidi aca aja iyo Orunani ari. Orunani akimubona, aca ava kuri nya mbuga yo mu murima aramwunamira, mu maso hashika hasi. 22 Maze Dawidi abwira Orunani ati: «Numpe imbuga yo mu murima wawe ndayigure kugira ngo ndahubakire Yehova igicaniro. Mbwira igiciro bikwiranye ndahagure kugira ngo ikiza cateye abantu gihagarare+.» 23 Mugabo Orunani abwira Dawidi ati: «Mwami wanje hatware habe rwawe, uhakoreshe ico wipfuza*. Izi nka ndazitanze ngo zibe amashikanwa aturirwa, ibibaho zikwega mu gutonora intete*+ bikubere inkwi, ingano na zo zibe ishikanwa ry’intete. Vyose ndabiguhaye.»
24 Ariko umwami Dawidi abwira Orunani ati: «Oya, ntegerezwa kuhagura igiciro bikwiranye, kuko ntotwara ivyawe ngo ndabihe Yehova canke ngo nshikane ibimazi biturirwa vya gusa+.» 25 Dawidi aha rero Orunani inzahabu zipima shekeli* 600, agura aho hantu. 26 Araheza ahubakira Yehova igicaniro+, hanyuma ashikana ibimazi biturirwa n’ibimazi vyo gusangira. Yambaza Yehova, na we amwishura mu kurungika umuriro+ uvuye mw’ijuru, awurungika kuri nya gicaniro c’amashikanwa aturirwa. 27 Yehova aca ategeka wa mumarayika+ ngo asubize inkota yiwe mu rwubati*. 28 Dawidi abonye ko Yehova amwishuriye kuri nya mbuga yo mu murima wa Orunani Umuyebusi, abandanya kuhashikanira ibimazi. 29 Mugabo rya hema ryeranda rya Yehova Musa yari yarubatse mu bugaragwa na ca gicaniro c’amashikanwa aturirwa, ico gihe vyari bikiri mu kibanza co gusengeramwo* c’i Gibeyoni+. 30 Ariko Dawidi ntiyashoboye kujayo kugira ahanuze Imana, kuko inkota ya wa mumarayika wa Yehova yari yamuteye ubwoba.
22 Maze Dawidi avuga ati: «Aha ni ho hazoba inzu ya Yehova Imana y’ukuri, kandi aha ni ho hazoba igicaniro co gutangirako amashikanwa aturirwa y’Abisirayeli+.»
2 Nuko Dawidi ategeka ko bakoranya abanyamahanga+ bari mu gihugu ca Isirayeli. Maze abashinga igikorwa co gusatura no kuringaniza amabuye yo kwubakisha inzu y’Imana y’ukuri+. 3 Vyongeye, Dawidi ategura ubutare bwinshi bw’icuma bwo gukoramwo imisumari y’imiryango y’amarembo be n’ivyugazo. Ategura n’ubutare bwinshi bw’umujumpu butoshobora gupimwa+. 4 Dawidi ategura n’ibiti vy’amasederi+ bitagira igitigiri kuko Abanyasidoni+ n’Abanyatiro+ bamuzaniye ibiti vyinshi vy’amasederi. 5 Dawidi avuga ati: «Umuhungu wanje Salomo aracari muto kandi ntaramenya utuntu n’utundi*+. Vyongeye, inzu igiye kwubakirwa Yehova izoba ari nziza bidasanzwe+ ku buryo izoba rurangiranwa, ubwiza bwayo+ bukavugwa mu bihugu vyose+. Hinge rero ndamugirire imyiteguro.» Nuko Dawidi ategura ibikoresho vyinshi imbere y’uko apfa.
6 Vyongeye, ahamagara umuhungu wiwe Salomo amutegeka kwubakira inzu Yehova Imana ya Isirayeli. 7 Dawidi abwira umuhungu wiwe Salomo ati: «Naripfuje cane kwubaka inzu yitirirwa izina rya Yehova Imana yanje+. 8 Mugabo Yehova yambwiye ati: “Wavishije amaraso menshi kandi warwanye intambara zikomakomeye. Ntuzokwubaka inzu yitirirwa izina ryanje+, kuko wavishije amaraso menshi kw’isi imbere yanje. 9 Ehe uzovyara umuhungu+. Azoba mu mahoro* kandi nzomukiza abansi biwe bose bamukikuje, abeho yitekaniye+. Ni co gituma azokwitwa Salomo*+ kandi mu gihe ciwe nzoha Isirayeli amahoro no gutekana+. 10 Ni we azokwubaka inzu yitirirwa izina ryanje+. Azombera umwana nanje ndamubere se+. Nzotuma ubutegetsi bwiwe bukomera muri Isirayeli ibihe vyose+.”
11 None rero mwananje, Yehova abane nawe. Uze uroranirwe wubake inzu ya Yehova Imana yawe, nk’uko yavuze ko uzobikora+. 12 N’ikiruta vyose, Yehova niyamara kugushinga ibanga ryo kuganza Isirayeli, aze agufashe kwiyubara aguhe n’ugutegera+ kugira ngo ukurikize amategeko ya Yehova Imana yawe+. 13 Uzoheza uroranirwe niwitwararika gushitsa amategeko+ n’ingingo Yehova yashinze, agategeka Musa kubiha Abisirayeli+. Gira umutima rugabo kandi ukomere. Ntutinye canke ngo uranduke umutima+. 14 Narigoye cane ntegurira inzu ya Yehova italanto* 100.000 z’inzahabu n’italanto 1.000.000 z’ifeza, n’ubutare bwinshi cane bw’umujumpu n’ubw’icuma+ budashobora gupimwa. Narateguye n’ibiti n’amabuye+, mugabo uzovyongereza. 15 Ufise n’abakozi benshi cane: uri abaringaniza amabuye, abubakisha amabuye+, ababaza ibiti n’abahinga b’ubwoko bwose+. 16 Hari inzahabu, ifeza, umujumpu n’ubutare bw’icuma bidashobora gupimwa+. Va hasi rero ukore, kandi Yehova abane nawe+.»
17 Maze Dawidi ategeka abatware bose ba Isirayeli gufasha umuhungu wiwe Salomo, avuga ati: 18 «Yehova Imana yanyu ari kumwe namwe kandi yabahaye amahoro impande zose. Yarabafashije gutsinda ababa muri iki gihugu. Yehova n’abantu biwe ni bo bakiganza. 19 Nimwiyemeze rero n’umutima wanyu wose n’ubuzima bwanyu bwose kurondera Yehova Imana yanyu+, mutangure kwubaka aheranda ha Yehova Imana y’ukuri+. Muzoheza muzane isandugu y’isezerano rya Yehova n’ibikoresho vyeranda vy’Imana y’ukuri+ ku nzu izokwubakwa ngo yitirirwe izina rya Yehova+.»
23 Dawidi amaze gusaza ari hafi gupfa*, yimika umuhungu wiwe Salomo ngo abe umwami wa Isirayeli+. 2 Maze akoranya abatware bose ba Isirayeli, abaherezi+ n’Abalewi+. 3 Baharura Abalewi bari bafise imyaka 30 kuduga+, umwumwe ukwiwe. Bari 38.000. 4 Muri abo harimwo 24.000 bahagarikira igikorwa c’inzu ya Yehova, abarongozi n’abacamanza 6.000+, 5 abarinzi b’amarembo+ 4.000, n’abandi 4.000 bashemeza+ Yehova bakoresheje ibicurarangisho. Ku bijanye n’ivyo bicurarangisho, Dawidi yavuze ati: «Nabikoze ngo bikoreshwe mu gushemeza Imana.»
6 Maze Dawidi abashira* mu migwi+ yisunze uwo bakomokako mu bahungu ba Lewi, ari bo Gerushoni, Kohati na Merari+. 7 Ku bakomoka kuri Gerushoni hari Ladani na Shimeyi. 8 Abahungu ba Ladani bari batatu: umukuru yari Yehiyele, hagakurikira Zetamu na Yoweli+. 9 Abahungu ba Shimeyi* bari batatu: Shelomoti, Haziyeli na Harani. Abo ni bo bari abakuru b’imigwi mikurumikuru igize imiryango yitirirwa Ladani. 10 Abahungu ba Shimeyi* na bo bari Yahati, Zina*, Yushi na Beriya. Abo uko ari bane bari abahungu ba Shimeyi. 11 Yahati yari umukuru, hagakurikira Ziza. Mugabo kubera ko Yushi na Beriya bataronse abahungu benshi, baharuwe nk’umuryango umwe ujejwe igikorwa kimwe.
12 Abahungu ba Kohati bari bane: Amuramu, Izihari+, Heburoni na Uziyeli+. 13 Abahungu ba Amuramu bari Aroni+ na Musa+. Mugabo Aroni yaratowe*+ ahabwa ibanga ryamaho kugira ngo we n’abahungu biwe beze Aheranda cane, bashikane ibimazi imbere ya Yehova, bamukorere bongere bahezagire abantu mw’izina ryiwe ibihe vyose+. 14 Nayo Musa wa muntu w’Imana y’ukuri, abahungu biwe baharuwe mu muryango w’Abalewi. 15 Abahungu ba Musa bari Gerushomu+ na Eliyezeri+. 16 Mu bahungu ba Gerushomu, Shebuweli+ ni we yari umukuru. 17 Mu bakomoka* kuri Eliyezeri, Rehabiya+ ni we yari umukuru. Eliyezeri nta bandi bahungu yaronse, mugabo abahungu ba Rehabiya bari benshi rwose. 18 Mu bahungu ba Izihari+, Shelomiti+ ni we yari umukuru. 19 Abahungu ba Heburoni bari aba: umukuru yari Yeriya, uwa kabiri Amariya, uwa gatatu Yahaziyeli, uwa kane Yekameyamu+. 20 Abahungu ba Uziyeli+ bari aba: umukuru yari Mika, uwa kabiri Ishiya.
21 Abahungu ba Merari bari Mahili na Mushi+. Abahungu ba Mahili bari Eleyazari na Kishi. 22 Eleyazari yapfuye atavyaye abahungu. Yavyaye abakobwa gusa. Basazabo bakomoka kuri Kishi baciye babarongora. 23 Abahungu ba Mushi bari batatu: Mahili, Ederi na Yeremoti.
24 Abo ni bo bari abahungu ba Lewi, hakurikijwe imigwi mikurumikuru igize umuryango bavamwo, hakurikijwe n’abari abakuru muri iyo migwi. Banditswe bongera baharurwa hakurikijwe amazina yabo, kuva ku bafise imyaka 20 kuduga. Bakora igikorwa co ku nzu ya Yehova. 25 Vyakozwe ukwo kuko Dawidi yari yaravuze ati: «Yehova Imana ya Isirayeli yahaye amahoro abantu biwe+, kandi azoba i Yeruzalemu ibihe vyose+. 26 Bisubiye, ntibizoba ngombwa ko Abalewi barerura ihema ryeranda canke ikintu na kimwe mu bikoreshwa muri ryo+.» 27 Hisunzwe amategeko ya nyuma Dawidi yatanze, baraharuye Abalewi bafise imyaka 20 kuduga. 28 Bari bajejwe gufasha bene Aroni+ mu gikorwa co ku nzu ya Yehova. Bitwararika ivyerekeye ibigo+, uburiro, gutyorora ibintu vyose vyeranda, bakitwararika n’ibindi vyose bikenewe ku bw’igikorwa co ku nzu y’Imana y’ukuri. 29 Barafasha kandi mu bijanye n’imikate igerekeranye*+, ifu inoze y’ishikanwa ry’intete, udukate dufyase tutagiramwo umwambiro+, ibikarangwa kw’ipanu, igikandu kivanze+ n’amavuta no mu bijanye n’ingero zose z’ibiseseka n’iz’uburebure. 30 Imisi yose mu gitondo no ku mugoroba+, basabwa kuba bahari kugira ngo bakengurukire Yehova bongere bamushemeze. 31 Barafasha igihe cose ibimazi biturirwa vyashikanirwa Yehova ku masabato+, ku mboneko z’ukwezi+ no ku misi mikuru+, hakurikijwe igitigiri gihuye n’amategeko. Bama bakorera ico gikorwa imbere ya Yehova. 32 Baritwararika n’ivyo bajejwe ku bijanye n’ihema ry’ibonaniro, Aheranda, bakitwararika na benewabo bakomoka kuri Aroni. Babigira ku bw’igikorwa c’inzu ya Yehova.
24 Imigwi y’abakomoka kuri Aroni yari iyi: abahungu ba Aroni bari Nadabu, Abihu+, Eleyazari na Itamari+. 2 Ariko Nadabu na Abihu batanze se gupfa+, kandi nta bahungu bavyaye. Eleyazari+ na Itamari bobo bagumye ari abaherezi. 3 Dawidi ari kumwe na Sadoki+ akomoka kuri Eleyazari be na Ahimeleki akomoka kuri Itamari, ni bo bashize mu migwi abakomoka kuri Aroni bisunze ibikorwa bokoze. 4 Kubera ko bene* Eleyazari bari bafise abakuru benshi kurusha bene Itamari, uku ni ko baciye babagabura: bene Eleyazari baronse abakuru 16 b’imigwi mikurumikuru igize umuryango bakomokamwo, bene Itamari baronka 8.
5 Vyongeye, baragabuye bene Eleyazari na bene Itamari biciye ku bupfindo+, kubera ko abakuru bakorera ahantu heranda n’abakuru bakorera Imana y’ukuri bavuye muri iyo migwi ibiri. 6 Maze Shemaya mwene Netaneli, umunyamabanga w’Abalewi, yandikira amazina yabo imbere y’umwami, abatware, umuherezi Sadoki+, Ahimeleki+ mwene Abiyatari+ n’abakuru b’imigwi mikurumikuru igizwe n’imiryango y’abaherezi n’iy’Abalewi. Baza baratora umuryango umwe mu bo kwa Eleyazari hanyuma bagatora uwo kwa Itamari, gutyogutyo.
7 Ubupfindo bwa mbere bwaguye kuri Yehoyaribu, ubwa kabiri kuri Yedaya, 8 ubwa gatatu kuri Harimu, ubwa kane kuri Seworimu, 9 ubwa gatanu kuri Malikiya, ubwa gatandatu kuri Miyamini, 10 ubw’indwi kuri Hakozi, ubw’umunani kuri Abiya+, 11 ubw’icenda kuri Yeshuwa, ubw’icumi kuri Shekaniya, 12 ubwa 11 kuri Eliyashibu, ubwa 12 kuri Yakimu, 13 ubwa 13 kuri Hupa, ubwa 14 kuri Yeshebeyabu, 14 ubwa 15 kuri Biliga, ubwa 16 kuri Imeri, 15 ubwa 17 kuri Heziri, ubwa 18 kuri Hapisesi, 16 ubwa 19 kuri Petahiya, ubwa 20 kuri Yehezikeli, 17 ubwa 21 kuri Yakini, ubwa 22 kuri Gamuli, 18 ubwa 23 kuri Delaya, ubwa 24 kuri Mahaziya.
19 Urwo ni rwo rutonde bisunga mu kuza mu nzu ya Yehova gukora igikorwa bashinzwe+, bakurikije uko sekuruza wabo Aroni yabigira yisunze ivyo Yehova Imana ya Isirayeli yari yaramutegetse.
20 Abalewi basigaye bari aba: muri bene Amuramu+ hari Shubayeli+, muri bene Shubayeli hari Yehideya, 21 muri bene Rehabiya+, umukuru yari Ishiya, 22 mu Bizihari hari Shelomoti, muri bene Shelomoti+ hari Yahati. 23 Muri bene Heburoni hari aba: umukuru yari Yeriya+, uwa kabiri Amariya, uwa gatatu Yahaziyeli, uwa kane Yekameyamu. 24 Muri bene Uziyeli hari Mika, muri bene Mika hari Shamiri. 25 Mwenewabo na Mika yari Ishiya, muri bene Ishiya hakaba hari Zakariya.
26 Bene Merari+ bari Mahili na Mushi. Muri bene Yahaziya hari Beno. 27 Mu bakomoka kuri Merari hari aba: kuri Yahaziya hari Beno, Shohamu, Zakuri na Iburi. 28 Kuri Mahili hari Eleyazari, akaba ataronse abahungu+. 29 Muri bene Kishi hari Yerameyeli. 30 Bene Mushi bari Mahili, Ederi na Yerimoti.
Abo ni bo bene Lewi hisunzwe imigwi mikurumikuru igize umuryango bavamwo. 31 Na bo nyene bagize ubupfindo+ nk’uko benewabo bakomoka kuri Aroni babigize imbere y’umwami Dawidi, Sadoki, Ahimeleki n’abakuru b’imigwi mikurumikuru igizwe n’imiryango y’abaherezi n’iy’Abalewi. Ku bijanye n’abakuru b’iyo migwi, umukuru yafatwa cokimwe na mwenewabo mutoyi.
25 Vyongeye, Dawidi n’abakuru b’imigwi y’abakora igikorwa co ku rusengero bafata bamwe muri bene Asafu na Hemani na Yedutuni+ babatandukanya n’abandi. Babatandukanije kugira baze baravuga ubuhanuzi bakoresheje inanga n’ibindi bicurarangisho vy’imirya+ be n’ivyuma bisama+. Uru ni rwo rutonde rw’abashinzwe ico gikorwa: 2 muri bene Asafu hari Zakuri, Yozefu, Netaniya na Asharela. Bene Asafu bari bayobowe na Asafu, uwavuga ubuhanuzi ayobowe n’umwami. 3 Muri bene Yedutuni+ hari batandatu: Gedaliya, Zeri, Yeshaya, Shimeyi, Hashabiya na Matitiya+. Bayoborwa na se Yedutuni, uwavuga ubuhanuzi akoresheje inanga, agakengurukira Yehova akongera akamushemeza+. 4 Muri bene Hemani+ hari Bukiya, Mataniya, Uziyeli, Shebuweli, Yerimoti, Hananiya, Hanani, Eliyata, Gidaliti, Romamuti-Ezeri, Yoshibekasha, Maloti, Hotiri na Mahaziyoti. 5 Abo bose bari bene Hemani. Hemani yamenyesha umwami ivyo Imana y’ukuri yamweretse, bikaninahaza Imana*. Nuko Imana y’ukuri iha Hemani abahungu 14 n’abakobwa 3. 6 Abo bose bari bayobowe na se mu vyo kuririmba ku nzu ya Yehova bakoresheje ivyuma bisama, ibicurarangisho vy’imirya n’inanga+. Ni co gikorwa bari bajejwe ku nzu y’Imana y’ukuri.
Asafu, Yedutuni na Hemani bayoborwa n’umwami.
7 Bo hamwe na benewabo, bose bari abaririmvyi b’abahanga bamenyerejwe mu vyo kuririmbira Yehova. Bari 288. 8 Bagira ubupfindo+ kugira babagaburire ibikorwa, yaba umuto canke uwuhambaye, yaba umuhanga canke uwiga.
9 Ubupfindo bwa mbere bwaguye kuri Yozefu mwene Asafu+. Ubwa kabiri bwaguye kuri Gedaliya+. We na benewabo be n’abahungu biwe bari 12. 10 Ubwa gatatu bwaguye kuri Zakuri+. We n’abahungu biwe na benewabo bari 12. 11 Ubwa kane bwaguye kuri Iziri. We n’abahungu biwe na benewabo bari 12. 12 Ubwa gatanu bwaguye kuri Netaniya+. We n’abahungu biwe na benewabo bari 12. 13 Ubwa gatandatu bwaguye kuri Bukiya. We n’abahungu biwe na benewabo bari 12. 14 Ubw’indwi bwaguye kuri Yesharela. We n’abahungu biwe na benewabo bari 12. 15 Ubw’umunani bwaguye kuri Yeshaya. We n’abahungu biwe na benewabo bari 12. 16 Ubw’icenda bwaguye kuri Mataniya. We n’abahungu biwe na benewabo bari 12. 17 Ubw’icumi bwaguye kuri Shimeyi. We n’abahungu biwe na benewabo bari 12. 18 Ubwa 11 bwaguye kuri Azareli. We n’abahungu biwe na benewabo bari 12. 19 Ubwa 12 bwaguye kuri Hashabiya. We n’abahungu biwe na benewabo bari 12. 20 Ubwa 13 bwaguye kuri Shubayeli+. We n’abahungu biwe na benewabo bari 12. 21 Ubwa 14 bwaguye kuri Matitiya. We n’abahungu biwe na benewabo bari 12. 22 Ubwa 15 bwaguye kuri Yeremoti. We n’abahungu biwe na benewabo bari 12. 23 Ubwa 16 bwaguye kuri Hananiya. We n’abahungu biwe na benewabo bari 12. 24 Ubwa 17 bwaguye kuri Yoshibekasha. We n’abahungu biwe na benewabo bari 12. 25 Ubwa 18 bwaguye kuri Hanani. We n’abahungu biwe na benewabo bari 12. 26 Ubwa 19 bwaguye kuri Maloti. We n’abahungu biwe na benewabo bari 12. 27 Ubwa 20 bwaguye kuri Eliyata. We n’abahungu biwe na benewabo bari 12. 28 Ubwa 21 bwaguye kuri Hotiri. We n’abahungu biwe na benewabo bari 12. 29 Ubwa 22 bwaguye kuri Gidaliti+. We n’abahungu biwe na benewabo bari 12. 30 Ubwa 23 bwaguye kuri Mahaziyoti+. We n’abahungu biwe na benewabo bari 12. 31 Ubwa 24 bwaguye kuri Romamuti-Ezeri+. We n’abahungu biwe na benewabo bari 12.
26 Iyi ni yo migwi y’abarinzi b’amarembo+: mu bakomoka kuri Kora hari Meshelemiya+ mwene Kore wo muri bene Asafu. 2 Aba ni bo bari abahungu ba Meshelemiya: imfura yari Zakariya, uwa kabiri Yediyayeli, uwa gatatu Zebadiya, uwa kane Yatiniyeli, 3 uwa gatanu Elamu, uwa gatandatu Yehohanani, uw’indwi Elihowenayi. 4 Aba ni bo bari abahungu ba Obedi-Edomu: imfura yari Shemaya, uwa kabiri Yehozabadi, uwa gatatu Yowa, uwa kane Sakari, uwa gatanu Netaneli, 5 uwa gatandatu Amiyeli, uw’indwi Isakari, uw’umunani Pehuletayi. Imana yahezagiye Obedi-Edomu mu kumuha abo bana.
6 Umuhungu wiwe Shemaya yavyaye abahungu bahavuye baba abakuru b’imiryango yabo, kuko bari abagabo b’intwari bashoboye ibikorwa. 7 Bene Shemaya bari Otini, Refaheli, Obedi na Elizabadi. Benewabo na Elizabadi ari bo Elihu na Semakiya na bo nyene bari abagabo bashoboye ibikorwa. 8 Abo bose bakomoka kuri Obedi-Edomu. Bo n’abahungu babo na benewabo bari abagabo bashoboye ibikorwa kandi bakwije ibisabwa. Mu muryango wa Obedi-Edomu bose bari 62. 9 Abahungu ba Meshelemiya+ hamwe na benewabo na Meshelemiya bari abagabo 18 bashoboye ibikorwa. 10 Hosa wo muri bene Merari yaravyaye abahungu. Shimuri ni we yari umukuru kuko naho atari imfura, se yamugize umukuru. 11 Uwa kabiri yari Hilikiya, uwa gatatu Tebaliya, uwa kane Zakariya. Abahungu ba Hosa na benewabo na Hosa, bose hamwe bari 13.
12 Muri iyo migwi y’abarinzi b’amarembo, abakuru bari bafise ibikorwa vyo gukora ku nzu ya Yehova cokimwe na benewabo. 13 Nuko hagirwa ubupfindo+ hakurikijwe imiryango ya ba sekuruza, yaba iyigizwe na bake canke benshi, kugira bamenye abazokorera kuri buri rembo. 14 Maze ubupfindo bw’abazokorera mu buseruko bugwa kuri Shelemiya. Bagirira n’ubupfindo umuhungu wiwe Zakariya, ubupfindo bwiwe bugwa mu buraruko. Zakariya yari umujanama w’ubwenge. 15 Ubupfindo bw’abazokorera mu bumanuko bwaguye kuri Obedi-Edomu, abahungu biwe+ na bo bazezwa ibigega. 16 Ubupfindo bw’abazokorera mu burengero hafi y’irembo Shaleketi iruhande y’ibarabara rikuru riduga, bugwa kuri Shupimu na Hosa+. Umugwi umwe w’abarinzi watumberana n’uwundi. 17 Mu buseruko hari Abalewi batandatu, mu buraruko no mu bumanuko hakaba banebane ku musi. Ku bigega vyose+ na ho hari babiri bakorana n’abandi babiri. 18 Ku ruhande rw’ibaraza ryo mu burengero, hari bane hafi y’ibarabara rikuru+ na babiri kw’ibaraza. 19 Iyo ni yo yari imigwi y’abarinzi b’amarembo yarimwo abakomoka kuri Kora no kuri Merari.
20 Mu bandi Balewi, Ahiya ni we yari ajejwe ububiko bw’itunga ry’inzu y’Imana y’ukuri n’ububiko bw’ibintu vyeguriwe Imana*+. 21 Mu bahungu ba Ladani, ni ukuvuga mu bahungu b’Abagerushoni bakomoka kuri Ladani, hari Yehiyeli+. Yari umwe mu bakuru b’imigwi mikurumikuru igize imiryango ikomoka kuri Ladani Umugerushoni. 22 Hari n’abahungu ba Yehiyeli, ari bo Zetamu na mwenewabo Yoweli. Bari bajejwe ububiko bw’itunga ry’inzu ya Yehova+. 23 Muri bene Amuramu, bene Izihari, bene Heburoni na bene Uziyeli+, 24 hari Shebuweli mwene Gerushomu, Gerushomu wa Musa. Yari umukuru ajejwe ibigega. 25 Ku bijanye na benewabo bakomoka kuri Eliyezeri+ hari aba: umuhungu wa Eliyezeri ari we Rehabiya+, uwa Rehabiya ari we Yeshaya, uwa Yeshaya ari we Yoramu, uwa Yoramu ari we Zikiri, uwa Zikiri ari we Shelomoti. 26 Uwo Shelomoti na benewabo bari bajejwe ububiko bwose bw’ibintu vyeguriwe Imana*+. Umwami Dawidi+, abakuru b’imigwi mikurumikuru igize imiryango+, abakuru b’imigwi y’abantu 1.000 n’ab’imigwi y’abantu 100 hamwe n’abakuru b’ingabo ni bo bavyeguriye Imana. 27 Mu vyasahuwe mu ntambara+, hari ivyo beguriye Imana* kugira ngo bikoreshwe mu kubungabunga inzu ya Yehova. 28 Shelomiti* na benewabo bari bajejwe kandi ibintu vyose uwahishurirwa n’Imana+ Samweli*, Sawuli mwene Kishi, Abuneri+ mwene Neri na Yowabu+ mwene Zeruwiya+ bari bareguriye Imana*. Ikintu cose umuntu yegurira Imana ni bo bakizeza.
29 Muri bene Izihari+, Kenaniya n’abahungu biwe bari bashinzwe ibikorwa bitakorerwa ku rusengero. Bari abarongozi n’abacamanza+ muri Isirayeli.
30 Muri bene Heburoni+, hari Hashabiya na benewabo, bakaba bari abagabo 1.700 bashoboye ibikorwa. Bari abarongozi muri Isirayeli. Ni bo bari bahagarikiye ibikorwa vyose vya Yehova n’ibikorwa vy’umwami mu karere ko mu burengero bwa Yorodani. 31 Yeriya+ yari umukuru muri bene Heburoni hakurikijwe urutonde rw’amamuko y’abo mu muryango wabo. Mu mwaka ugira 40 Dawidi ari umwami+, bararondeye muri bene Heburoni abagabo b’intwari kandi bashoboye ibikorwa, babasanga i Yazeri+ mu karere ka Gileyadi. 32 Benewabo bari abagabo 2.700 bashoboye ibikorwa, bakaba n’abakuru b’imigwi mikurumikuru mu muryango bakomokamwo. Umwami Dawidi yaciye abashinga kugaba Abarubeni n’Abagadi n’igice c’umuryango wa Manase, ku bijanye n’ibintu vyose vy’Imana y’ukuri be n’ibintu vyose vy’umwami.
27 Iyi ni yo yari imigwi y’Abisirayeli yakorera umwami. Yarimwo abakuru b’imigwi mikurumikuru igize imiryango, abakuru b’imigwi y’abantu 1.000 n’ab’imigwi y’abantu 100+, hamwe n’abarongozi+. Bitwararika ibintu vyose bijanye n’iyo migwi. Iyo migwi yarakurakuranwa* ku kwezi ku kwezi, mu mezi yose y’umwaka. Umwumwe wose warimwo abantu 24.000.
2 Uwagaba umugwi wa mbere wakora mu kwezi kwa mbere yari Yashobeyamu+ mwene Zabidiyeli. Umugwi wiwe warimwo abantu 24.000. 3 Yakomoka kuri Peresi+. Ni we yari umukuru w’abantu bose bahagarikiye imigwi yakora mu kwezi kwa mbere. 4 Uwagaba umugwi w’abakora mu kwezi kugira kabiri yari Dodayi+ mwene Ahohi+. Umugwi wiwe warimwo abantu 24.000. Mikiloti yari indongozi. 5 Umukuru w’umugwi wa gatatu w’abakora mu kwezi kugira gatatu yari Benaya+ mwene Yehoyada+ umukuru w’abaherezi. Umugwi wiwe warimwo abantu 24.000. 6 Uwo Benaya yari umurwanyi w’intwari. Yari muri bamwe mirongo itatu akaba n’umukuru wabo. Mu mugwi yagaba, umuhungu wiwe Amizabadi yari umutware. 7 Umukuru w’umugwi wa kane w’abakora mu kwezi kugira kane yari Asaheli+ mwenewabo na Yowabu+. Yasubiriwe n’umuhungu wiwe Zebadiya. Umugwi wiwe warimwo abantu 24.000. 8 Umukuru w’umugwi wa gatanu w’abakora mu kwezi kugira gatanu yari Shamuhuti Umwizirahi. Umugwi wiwe warimwo abantu 24.000. 9 Umukuru w’umugwi wa gatandatu w’abakora mu kwezi kugira gatandatu yari Ira+ mwene Ikeshi w’i Tekowa+. Umugwi wiwe warimwo abantu 24.000. 10 Umukuru w’umugwi w’indwi w’abakora mu kwezi kugira indwi yari Helesi+ Umupeloni wo mu Befurayimu. Umugwi wiwe warimwo abantu 24.000. 11 Umukuru w’umugwi w’umunani w’abakora mu kwezi kugira umunani yari Sibekayi+ Umuhusha wo muri bene Zera+. Umugwi wiwe warimwo abantu 24.000. 12 Umukuru w’umugwi w’icenda w’abakora mu kwezi kugira icenda yari Abiyezeri+ w’i Anatoti+ akomoka mu Babenyamini. Umugwi wiwe warimwo abantu 24.000. 13 Umukuru w’umugwi w’icumi w’abakora mu kwezi kugira cumi yari Maharayi+ w’i Netofa wo muri bene Zera+. Umugwi wiwe warimwo abantu 24.000. 14 Umukuru w’umugwi wa 11 w’abakora mu kwezi kugira 11 yari Benaya+ w’i Piratoni akomoka mu Befurayimu. Umugwi wiwe warimwo abantu 24.000. 15 Umukuru w’umugwi wa 12 w’abakora mu kwezi kugira 12 yari Heludayi w’i Netofa, akomoka kuri Otiniyeli. Umugwi wiwe warimwo abantu 24.000.
16 Aba ni bo bari indongozi mu miryango ya Isirayeli: mu muryango wa Rubeni indongozi yari Eliyezeri mwene Zikiri. Mu muryango wa Simeyoni yari Shefatiya mwene Mayaka. 17 Mu muryango wa Lewi yari Hashabiya mwene Kemuweli. Mu bakomoka kuri Aroni yari Sadoki. 18 Mu muryango wa Yuda yari Elihu+, umwe muri benewabo na Dawidi. Mu muryango wa Isakari yari Omuri mwene Mikayeli. 19 Mu muryango wa Zabuloni yari Ishimaya mwene Obadiya. Mu muryango wa Nafutali yari Yerimoti mwene Aziriyeli. 20 Mu muryango wa Efurayimu yari Hosheya mwene Azaziya. Mu gice c’umuryango wa Manase yari Yoweli mwene Pedaya. 21 Mu gice c’umuryango wa Manase c’i Gileyadi yari Ido mwene Zakariya. Mu muryango wa Benyamini yari Yasiyeli mwene Abuneri+. 22 Mu muryango wa Dani yari Azareli mwene Yerohamu. Abo ni bo bari abatware b’imiryango ya Isirayeli.
23 Ariko Dawidi ntiyaharuye abari bafise imyaka iva kuri 20 kumanuka kuko Yehova yari yarasezeranye kugwiza Abisirayeli nk’inyenyeri zo kw’ijuru+. 24 Yowabu mwene Zeruwiya yari yatanguye guharura, mugabo ntiyarangiza. Imana yarashavuriye Abisirayeli* kubera ico gikorwa co guharura+ kandi igitigiri c’abaharuwe nticanditswe mu nkuru zivuga ivyabaye mu gihe c’umwami Dawidi.
25 Uwari ajejwe ububiko bw’itunga ry’umwami+ yari Azimaveti mwene Adiyeli. Yonatani mwene Uziya ni we yari ajejwe ibigega vyo mu gihugu hagati, mu bisagara, mu bigwati no mu minara. 26 Uwari ajejwe abarimyi yari Eziri mwene Kelubu. 27 Uwari ajejwe imirima y’imizabibu yari Shimeyi w’i Rama. Uwari ajejwe ibigega vy’umuvinyu wavuye mu nzabibu bimbuye yari Zabidi w’i Shefamu*. 28 Uwari ajejwe imirima y’imyelayo* n’ibiti vy’imisukomora+ vyari mu karere ka Shefela+ yari Bayali-Hanani w’i Gederi*. Uwari ajejwe ibigega vy’amavuta yari Yowasi. 29 Uwari ajejwe amasho y’inka yarisha i Sharoni+ yari Shiturayi w’i Sharoni. Uwari ajejwe amasho y’inka yo mu biyaya yari Shafati mwene Adulayi. 30 Uwari ajejwe ingamiya yari Obili Umwishimayeli. Uwari ajejwe indogobwa* yari Yehideya w’i Meronoti. 31 Uwari ajejwe amasho y’intama n’impene yari Yazizi Umuhaguri. Abo bose bari abakuru bajejwe amatungo y’umwami Dawidi.
32 Yonatani+ umuhungwabo na Dawidi yari umujanama wiwe akaba n’umunyamabanga. Yari umugabo w’ubwenge. Yehiyele mwene Hakimoni yari ajejwe abana b’umwami+. 33 Ahitofeli+ yari umujanama w’umwami, Hushayi+ Umwaruki akaba umugenzi* w’umwami. 34 Yehoyada mwene Benaya+ na Abiyatari+ ni bo basubiriye Ahitofeli. Yowabu+ yari umukuru w’ingabo z’umwami.
28 Maze Dawidi akoraniriza i Yeruzalemu abatware bose bo muri Isirayeli. Bari aba: abatware b’imiryango, abakuru b’imigwi+ y’abakorera umwami, abakuru b’imigwi y’abantu 1.000 n’ab’imigwi y’abantu 100+, abakuru bajejwe amatungo yose n’ibitungwa vy’umwami+ n’abahungu biwe+, hamwe n’abakozi bo ku kirimba n’abagabo bose b’intwari kandi bashoboye ibikorwa+. 2 Nuko umwami Dawidi arahaguruka, avuga ati:
«Benewacu, bantu banje, nimunyumvirize. Naripfuje cane kwubaka inzu izokwama ibamwo isandugu y’isezerano rya Yehova, ikaba n’intebe y’ibirenge vy’Imana yacu+. Kandi naravyiteguriye+. 3 Mugabo Imana y’ukuri imbwira iti: “Ntuzokwubaka inzu yitirirwa izina ryanje+, kuko warwanye intambara nyinshi ugasesa amaraso+.” 4 Ariko mu rugo rwose rwa dawe, Yehova Imana ya Isirayeli ni jewe yatoye ngo mbe umwami wa Isirayeli ibihe vyose+. Yatoye Yuda ngo abe indongozi+, mu muryango wa Yuda atora urugo rwa dawe+, maze mu bahungu ba dawe aba ari jewe ashima kugira mbe umwami wa Isirayeli yose+. 5 Mu bahungu banje bose na ho, narirya Yehova yampaye benshi+, yatoye umuhungu wanje Salomo+ ngo yicare ku ntebe y’ubwami ya Yehova, aganze Isirayeli+.
6 Yambwiye ati: “Umuhungu wawe Salomo ni we azokwubaka inzu yanje n’ibigo vyanje kubera ko namutoye ngo abe umwana wanje, nanje mbe se+. 7 Niyihatira kwubahiriza amabwirizwa yanje n’ingingo zose nashinze+ nk’uko ariko arabigira, nzokomeza ubutegetsi bwiwe gushika ibihe vyose+.” 8 Ibi rero ni vyo mvuze, kandi ndabivugiye imbere ya Isirayeli yose, ari ryo shengero rya Yehova, kandi ndabivuze n’Imana yacu yumva: nimwitwararike kurondera gutahura amabwirizwa yose ya Yehova Imana yanyu no kuyakurikiza. Muzoheza mugume muri iki gihugu ciza+ mwongere mukirage abana muzovyara, kibabere intoranwa yamaho.
9 Nawe Salomo mwananje, nurondere kumenya Imana ya so kandi uyikorere n’umutima wawe wose*+ be n’umutima uhimbawe*, kuko Yehova asuzuma imitima yose+ akamenya imigambi* yose umuntu afise mu mutima n’ivyiyumviro vyiwe+. Niwamurondera uzomuronka*+ mugabo niwamuheba na we azoguheba ibihe vyose+. 10 Numenye rero ko ari wewe Yehova yatoye ngo wubake inzu izoba ikibanza ceranda. Gira umutima rugabo, ujeko ukore.»
11 Nuko Dawidi aha umuhungu wiwe Salomo imigero+ y’ibaraza+ n’iy’ivyumba vy’urusengero, ushizemwo n’ivyumba vy’ububiko, ivyumba vyo hejuru, ivyumba vy’indani muri rwo n’icumba Imana yatangiramwo ikigongwe*+. 12 Amuha imigero y’ibintu vyose yari yarahishuriwe n’Imana* ku bijanye n’ibigo+ vy’inzu ya Yehova, uburiro bwobaye buri irya n’ino yayo, ububiko bw’itunga ry’inzu y’Imana y’ukuri n’ububiko bw’ivyeguriwe Imana*+. 13 Amuha n’amabwirizwa ajanye n’imigwi y’abaherezi+ n’iy’Abalewi, ayajanye n’ibikorwa vyose vyo ku nzu ya Yehova be n’ayajanye n’ibikoresho vyose vy’igikorwa co ku nzu ya Yehova. 14 Amubwira n’uburemere bw’inzahabu, ni ukuvuga inzahabu y’ibikoresho vyose bigenewe ibikorwa bitandukanye, n’uburemere bw’ibikoresho vyose vy’ifeza bigenewe ibikorwa bitandukanye. 15 Amubwira n’uburemere bw’ivyo baterekako amatara vy’inzahabu+ n’amatara yavyo y’inzahabu, amubwira n’uburemere bw’ivyo baterekako amatara vy’ifeza n’amatara yavyo y’ifeza. Uburemere bw’ico baterekako amatara n’amatara yaco bwavana n’ico bazobikoresha. 16 Amubwira n’uburemere bw’inzahabu izokorwamwo imeza imwimwe yose mu meza z’imikate igerekeranye*+ n’uburemere bw’ifeza izokorwamwo imeza z’ifeza. 17 Amubwira uburemere bw’inzahabu itavanze izokorwamwo amakanya, amabakure n’amajage*. Amubwira n’uburemere bw’imwimwe yose mu mabakure matomato y’inzahabu+ n’ubw’imwimwe yose mu mabakure matomato y’ifeza. 18 Amubwira n’uburemere bw’inzahabu ityoroye izokorwamwo igicaniro c’imibavu+ n’ishusho igereranya umukogote+, ni ukuvuga abakerubi+ bakozwe mu nzahabu bashanje amababa, bakabera igitutu isandugu y’isezerano rya Yehova. 19 Dawidi avuga ati: «Yehova yaramfashije* ampa ubukerebutsi* bw’ingene nkwiye kwandika+ amakuru yose ajanye n’iyo migero+.»
20 Maze Dawidi abwira umuhungu wiwe Salomo ati: «Gira umutima rugabo kandi ukomere, ujeko ukore. Ntutinye canke ngo uranduke umutima, kuko Yehova Imana yawe, we Mana yanje, ari kumwe nawe+. Ntazoguta canke ngo aguhebe+. Azogumana nawe gushika igikorwa cose kijanye n’inzu ya Yehova kirangiye. 21 Imigwi y’abaherezi+ n’iy’Abalewi+ iriteguriye gukora ibikorwa vyose vyo ku nzu y’Imana y’ukuri. Urafise n’abakozi b’abahanga bazokora igikorwa ico ari co cose babikunze+, ukagira n’abatware+ n’abantu bose bazokora ivyo uzobabwira vyose.»
29 Nuko umwami Dawidi abwira ishengero ryose ati: «Umuhungu wanje Salomo, uwo Imana yatoye+, aracari muto kandi ntaramenya utuntu n’utundi*+. Mugabo igikorwa kimurindiriye ni kinini, kuko urusengero*+ azokwubaka atari urw’umuntu, ahubwo ari urwa Yehova Imana. 2 Nta ko ntagize ngo nitegurire kwubaka inzu y’Imana yanje. Naratanze inzahabu bazokoramwo ibintu vy’inzahabu, ifeza bazokoramwo ibintu vy’ifeza, umujumpu bazokoramwo ibintu vy’umujumpu, ubutare bw’icuma bazokoramwo ibintu vy’icuma+, ibiti+ bazokoramwo ibintu vy’ibiti, amabuye y’agaciro bita onigisi*, amabuye bazohomesha ubudongo*, utubuye two gushariza, ubwoko bwose bw’amabuye y’agaciro n’amabuye yitwa alabasita menshi cane. 3 Vyongeye, kubera ko nkunda inzu y’Imana yanje+, hari itunga ryanje+ bwite nipfuza gutanga rigizwe n’inzahabu n’ifeza. Ndaritanze ku bw’inzu y’Imana yanje, ngo ryiyongere ku bindi vyose nateguriye iyo nzu nyeranda. 4 Iryo tunga rigizwe n’italanto* 3.000 vy’inzahabu z’i Ofiri+ n’italanto 7.000 z’ifeza ityoroye. Bizokoreshwa mu gusiga impome z’ivyumba*, 5 mu gukora ibintu vy’inzahabu, ivy’ifeza n’ibindi bizokorwa n’abanyamyuga b’abahinga. None ni nde muri mwebwe yipfuza guha ingabire Yehova+ uyu musi?»
6 Maze abatware b’imiryango ya Isirayeli, abatware b’imigwi mikurumikuru igize iyo miryango, abakuru b’imigwi y’abantu 1.000 n’ab’imigwi y’abantu 100+ n’abahagarikiye igikorwa c’umwami+, baca bitaba ako kamo babikunze. 7 Ibi ni vyo batanze ku bw’igikorwa c’inzu y’Imana y’ukuri: italanto 5.000 z’inzahabu, ibiceri 10.000 vy’amadariki*, italanto 10.000 z’ifeza, italanto 18.000 z’umujumpu n’italanto 100.000 z’ubutare bw’icuma. 8 Uwari afise amabuye y’agaciro wese arayatanga ngo ashirwe mu bubiko bw’itunga ry’inzu ya Yehova. Yehiyele+ Umugerushoni+ ni we yari ajejwe ubwo bubiko. 9 Abantu baranezerewe bariko baratanga amashikanwa bavyishakiye, kubera bayashikaniye Yehova n’umutima wabo wose+. Umwami Dawidi na we nyene aranezerwa cane.
10 Maze Dawidi ashemeza Yehova imbere y’ishengero ryose ati: «Ewe Yehova Mana ya data Isirayeli, nushemezwe gushika ibihe bidahera*. 11 Ubukuru+ n’ubushobozi+ n’ubwiza n’ubuninahazwa n’icubahiro*+ ni ivyawe Yehova, kuko ibintu vyose mw’ijuru no kw’isi ari rwawe+. Ewe Yehova, ubwami ni ubwawe+. Ni wewe uri hejuru ya vyose. 12 Ubutunzi n’ubuninahazwa ni wewe ubitanga+, kandi ni wewe uganza vyose+. Mu kuboko kwawe hari ububasha+ n’ubushobozi+, kandi urashobora gutuma umuntu uwo ari we wese aba uwuhambaye+, ukamuha n’inkomezi+. 13 None rero Mana yacu, turagukengurukiye kandi izina ryawe rininahaye turarishemeje.
14 Yamara, twe n’abantu banje turi iki ngo dushobore gutanga amashikanwa nk’aya tuvyishakiye? Erega vyose biva iwawe, kandi twaguhaye ivyavuye mu kuboko kwawe. 15 Imbere yawe turi abanyamahanga n’inyambukira cokimwe na ba sogokuruza bacu bose+, kuko ubuzima bwacu kw’isi bumeze nk’igitutu+. Nta cizigiro kiriho. 16 Ewe Yehova Mana yacu, iri tunga ryose twegeranije kugira ngo tukwubakire inzu yitirirwa izina ryawe ryeranda, riva mu kuboko kwawe kandi ni iryawe. 17 Mana yanje, ndazi neza yuko usuzuma umutima+ kandi yuko uhimbarwa n’umutima ugororotse+. Ntanze ibi vyose n’umutima ugororotse* ndavyishakiye. Mfise umunezero mwinshi kubona abantu bawe bari ng’aha baguha amashikanwa bavyishakiye. 18 Ewe Yehova Mana ya ba sogokuruza bacu Aburahamu na Izahaki na Isirayeli, fasha abantu bawe baze bamane uwo mutima, utume imitima yabo iguma kuri wewe+. 19 Umuhungu wanje Salomo na we umufashe akurikize amabwirizwa yawe+, ivyibutswa utanga n’amategeko yawe n’umutima wiwe wose*+. Umufashe gukora ivyo bintu vyose no kwubaka urusengero* nateguriye ibikenewe+.»
20 Dawidi araheza abwira ishengero ryose ati: «Nimushemeze Yehova Imana yanyu.» Nuko abagize ishengero bose baca bashemeza Yehova Imana ya ba sekuruza, bunamira Yehova n’umwami, bashika hasi. 21 Babandanya gushikanira Yehova ibimazi, no ku musi ukurikira bashikanira Yehova amashikanwa aturirwa+. Bashikanye amashuri 1.000, impfizi z’intama 1.000, imyagazi y’intama 1.000 y’amasuguru n’amashikanwa yavyo y’ibinyobwa+. Batangiye Isirayeli yose ibimazi vyinshi cane+. 22 Kuri uwo musi babandanya kurya no kunywa bari imbere ya Yehova n’umunezero mwinshi+. Vyongeye, bimika ubugira kabiri Salomo umuhungu wa Dawidi ngo abe umwami bongera bamurobanuza amavuta* imbere ya Yehova ngo abe indongozi+. Barobanura na Sadoki ngo abe umuherezi+. 23 Salomo rero yicara ku ntebe y’ubwami ya Yehova+, aba umwami mu kibanza ca se Dawidi. Araheza araroranirwa kandi Abisirayeli bose baramugamburukira. 24 Abatware bose+, abarwanyi b’intwari+ n’abahungu bose b’umwami Dawidi+ bayobokera umwami Salomo. 25 Yehova atuma Salomo aba uwuhambaye cane imbere y’Abisirayeli bose, amugira umwami afise icubahiro kuruta abami bose ba Isirayeli babayeho imbere yiwe+.
26 Dawidi mwene Yese yaganje Isirayeli yose. 27 Yamaze imyaka 40 aganza Isirayeli. Imyaka 7+ yayimaze i Heburoni, 33+ na yo i Yeruzalemu. 28 Yapfuye yisaziye neza+. Yararamvye, agira ubutunzi bwinshi n’icubahiro cinshi*. Maze umuhungu wiwe Salomo atangura kuganza mu kibanza ciwe+. 29 Ivyerekeye umwami Dawidi kuva ku ntango gushika kw’iherezo, vyanditswe mu vyavuzwe n’uwahishurirwa n’Imana* Samweli, umuhanuzi Natani+ na Gadi+ uwavuga ivyo Imana yamweretse. 30 Haravugwamwo n’ivyabaye ku ntwaro yiwe, ububasha yerekanye, ivyamushikiye n’ivyashikiye Abisirayeli n’ubwami bwose bubakikuje.
Ayo mazina arashobora kandi kwerekeza ku bakomotse kuri abo bantu.
Aba bakurikira ni abahungu ba Aramu. Raba It 10:23.
Iryo zina risobanura ngo «kwigabura.»
Mu giheburayo havuga ngo «ari ho isi yagabagurwa.»
Mu giheburayo havuga ngo «abahungu.»
Mu giheburayo havuga ngo «abashehe.» Umushehe yari umukuru w’umuryango.
Mu giheburayo havuga ngo «abahungu.»
Iryo zina risobanura ngo «inkwezi y’ivyago» canke «uwatumye abantu bakumirwa.» Muri Yos 7:1 yitwa Akani.
Canke «ingorane», «ugukumirwa.»
Mu giheburayo havuga ngo «abahungu.»
Ku murongo wa 18, 19 na 42 yitwa Kalebu.
Ku murongo wa 9 yitwa Kelubayi.
Canke «tuhakikuje.»
Amazina amwamwe yo muri iki gitabu ashobora kuba ari amazina y’ahantu aho kuba ay’abantu. Nk’akarorero, «se wa Tekowa» bishobora gusobanura «uwatanguje igisagara ca Tekowa.»
Mu giheburayo havuga ngo «abahungu.»
Mu giheburayo havuga ngo «abahungu.»
Mu giheburayo havuga ngo «abahungu.»
Ku murongo wa 9 yitwa Kelubayi.
Mu giheburayo havuga ngo «abahungu.»
Mu giheburayo havuga ngo «abahungu.»
Mu giheburayo havuga ngo «abahungu.»
Mu giheburayo havuga ngo «abahungu.»
Mu giheburayo havuga ngo «abahungu ba Shekaniya.»
Raba akajambo k’epfo mu 1Ng 2:24.
Izina Yabesi rishobora kuba rifitaniye isano n’ijambo ry’igiheburayo risigura «umubabaro.»
Mu giheburayo havuga ngo «abahungu.»
Iryo zina risobanura ngo «umubande w’abanyamyuga b’abahinga.»
Mu giheburayo havuga ngo «abahungu.»
Uwo mugore ashobora kuba ari Bitiya avugwa ku murongo wa 18.
Canke «ayo makuru ni ayo kuva kera.»
Mu giheburayo iryo jambo rishobora gusobanura «umwana w’umuhungu», «umwuzukuru» canke «uwukomoka kuri naka.»
Raba Insiguro y’amajambo (Imigwi mikurumikuru igize imiryango).
Canke «tuhakikuje.»
Ni Yerobowamu wa kabiri.
Mu giheburayo havuga ngo «guhonyora umuheto (igihe bawambika uruvuto).»
Mu giheburayo havuga ngo «imitwe.»
Canke «bakorana ubumaraya n’imana.» Raba Insiguro y’amajambo (Umumaraya).
Mu giheburayo havuga ngo «ivyura impwemu ya Puli.»
Mu giheburayo havuga ngo «abahungu.»
Mu giheburayo havuga ngo «mu nzu.»
Ku murongo wa 1 yitwa Gerushoni.
Canke «abakomoka kuri Kohati.»
Aratandukanye na Elikana avugwa ku murongo wa 25.
Canke «abakomoka kuri Merari.»
Ni ukuvuga ibubamfu bwa Hemani.
Canke «bari batanzwe ngo bakore.»
Canke «batangirwe impongano.» Raba Insiguro y’amajambo (Impongano).
Canke «amakambi azitijwe impome.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «igisagara» twisunze Yos 21:13.
Canke «bahawe biciye ku bupfindo.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «igisagara» twisunze Yos 21:21.
Mu giheburayo havuga ngo «abahungu ba Uzi.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «Hupimu na Shupimu bari abahungu ba Ire.»
Mu giheburayo havuga ngo «bari abahungu ba Aheri.»
Mu giheburayo havuga ngo «bari abahungu ba Biluha.»
Mu giheburayo havuga ngo «abahungu.»
Iryo zina risobanura ngo «mu vyago.»
Canke «Yehoshuwa.» Iryo zina risobanura ngo «Yehova arakiza.»
Canke «tuhakikuje.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «Gaza.» Ariko si Gaza yo mu Bafilisitiya.
Ku murongo wa 32 yitwa Shomeri.
Ashobora kuba ari Hotamu avugwa ku murongo wa 32.
Hashobora kandi kuvugwa ngo «Shaharayimu yavyariye abana mu karere ka Mowabu amaze kwirukana abagore biwe Hushimu na Bayara.»
Canke «tuhakikuje.»
Mu giheburayo havuga ngo «abahungu ba Elipali.»
Yitwa kandi Ishibosheti.
Yitwa kandi Mefibosheti.
Mu giheburayo havuga ngo «bahonyora umuheto (igihe bawambika uruvuto).»
Canke «Abanetinimu.» Mu giheburayo havuga ngo «abatanzwe.»
Canke «mu rusengero.»
Mu giheburayo havuga ngo «Samweli uwubona.»
Mu giheburayo havuga ngo «inzu y’ihema.»
Mu giheburayo havuga ngo «abanyenkomezi.»
Canke «uburiro.»
Canke «olibani.» Raba Insiguro y’amajambo (Olibani).
Canke «amavuta yo gusomora.» Raba Insiguro y’amajambo (Amavuta yo gusomora).
Canke «amavuta yo gusomora.»
Ni imikate y’ishikanwa.
Canke «mu buriro.»
Kugenyera hari abavyita «gusiramura» canke «gukebwa.» Raba Insiguro y’amajambo (Kugenyera).
Canke «urw’agashinyaguro.»
Mu giheburayo havuga ngo «mu nzu.»
Raba Insiguro y’amajambo (Uwuhanuza abapfuye).
Mu giheburayo havuga ngo «turi igufa ryawe n’umubiri wawe.»
Mu giheburayo havuga ngo «ni wewe wasohokana Isirayeli ukongera ukayigarukana.»
Mu giheburayo havuga ngo «y’abantu banje Isirayeli.»
Raba Insiguro y’amajambo (Kurobanura).
«Milo» ni ijambo ry’igiheburayo risobanura «kwuzuza.» Ni ikintu kimeze nk’agasozi gishobora kuba cubatswe kugira gikingire igisagara.
Mu giheburayo havuga ngo «Umuhakimoni.»
Sayiri ni ubwoko bw’ingano.
Canke «atanga ubukiriro.»
Mu giheburayo havuga ngo «umuhungu w’umugabo w’intwari.»
Biboneka ko vyari ibinogo bimba kugira babibikemwo amazi.
Canke «shelegi.» Shelegi ni utuvunjivunji twera cane dukoragurika nk’imvura. Mu gifaransa batwita neige.
Yareha n’imetero nka 2,23. Raba Inyongera ya B14.
Mu giheburayo havuga ngo «Umuharori.»
Raba Insiguro y’amajambo (Umwonga).
Canke «w’i Zoba.»
Bitwa benewabo kubera ko bava mu muryango umwe.
Mu giheburayo havuga ngo «umutima wanje urunga ubumwe namwe.»
Mu giheburayo havuga ngo «itwikira.»
Canke «abakuru b’ingabo.»
Canke «batowe bakavugwa amazina.»
Canke «ata buryarya.»
Mu giheburayo havuga ngo «bari bafise umutima umwe.»
Ni igikoko kivuka ku ndogobwa n’ifarasi.
Canke «kuva kuri Shihori.»
Canke «ku bwinjiriro bwa Hamati.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «hagati.»
Cari ikibanza kiri mu murima bakubitirako ivyimburwa vy’intete.
Canke «ababazwa.»
Iryo zina risobanura ngo «guturikira (canke gutabukira) kuri Uza.»
Canke «abubaka impome.»
Canke «ikirimba.»
Raba Insiguro y’amajambo (Kurobanura).
Iryo zina risobanura ngo «umuhinga wo kumena.»
Canke «ibiti.»
Canke «iminiho.»
Mu giheburayo havuga ngo «kuri alamoti.» Raba Insiguro y’amajambo (Alamoti).
Mu giheburayo havuga ngo «kuri sheminiti.» Raba Insiguro y’amajambo (Sheminiti).
Raba Insiguro y’amajambo.
Itende ni ubwoko bw’ikigazi.
Mu giheburayo havuga ngo «bibuke.»
Canke «yatanga.»
Canke «mumucurarangire.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «nimuvuge.»
Canke «murondera mu maso hiwe.»
Mu giheburayo havuga ngo «urubuto.»
Canke «zikwiragiye.»
Mu giheburayo havuga ngo «ijambo yategetse.»
Canke «iyaruka.»
Raba Insiguro y’amajambo (Kurobanura).
Mu giheburayo havuga ngo «yahinguye.»
Canke «iteka.»
Canke «nimusenge.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «kubera ubwiza buhebuje bw’ubweranda bwiwe.»
Canke «isi yimbuka.»
Canke «yaje.»
Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
Canke «duhimbarwe no kugushemeza.»
Canke «kuva ibihe bidahera gushika ibihe bidahera.»
Canke «nibibe gutyo nyene.»
Mu giheburayo havuga ngo «ikibanza gitaramutse.» Raba Insiguro y’amajambo (Ibibanza bitaramutse).
Canke «batowe bakavugwa amazina.»
Canke «urukundo rudahemuka (rudahera).»
Canke «vy’indirimbo z’Imana y’ukuri.»
Canke «ikirimba.»
Mu giheburayo havuga ngo «kuva ndugana Isirayeli.»
Bishobora kuba bisobanura ngo «nagumye mva aho bashinze ihema nkaja ahandi barishinze, nkava muri iki kibanza nkaja mu kindi.»
Mu giheburayo havuga ngo «kubaruhisha.»
Mu giheburayo havuga ngo «nzokwubakira inzu.»
Mu giheburayo havuga ngo «ugahamvya ba sokuruza bawe.»
Mu giheburayo havuga ngo «urubuto.»
Mu giheburayo havuga ngo «intebe y’ubwami.»
Canke «kumwereka urukundo rudahemuka (rudahera).»
Canke «nk’umuntu w’umunyacubahiro.»
Canke «niribe iryo kwizigirwa.»
Mu giheburayo havuga ngo «kunyubakira inzu.»
Canke «tuhakikuje.»
Canke «ikibuguro.» Raba Insiguro y’amajambo (Ikibuguro).
Canke «ayatema ibitsi.»
Canke «yaramukiza.»
Canke «inkinzo z’umuzingi.»
Muri 2Sm 8:9, 10 yitwa Toyi.
Canke «aravyeza abiha.»
Canke «yaramukiza.»
Canke «mu bugororotsi.»
Abakereti n’Abapeleti bacungera Dawidi.
Canke «nzokwereka urukundo rudahemuka (rudahera).»
Canke «bagitate.»
Mu giheburayo havuga ngo «Aramu-Naharayimu.»
Italanto imwe yangana n’ibilo 34,2. Raba Inyongera ya B14.
Mu giheburayo havuga ngo «abashira mu kuboko kwa mwenewabo.»
Ni uruzi Efurate.
Muri 2Sm 10:16 yitwa Shobaki.
Ni ukuvuga muri Ntwarante canke Ndamukiza. Raba Inyongera ya B15.
Raba Insiguro y’amajambo.
Italanto imwe yangana n’ibilo 34,2. Raba Inyongera ya B14.
Hashobora kandi kuvugwa ngo «akomoka kuri Husha.»
Muri 2Sm 21:18 yitwa Safu.
Hashobora kandi kuvugwa ngo «umwansi.»
Canke «aratuntura.»
Cari ikibanza kiri mu murima bakubitirako ivyimburwa vy’intete.
Muri 2Sm 24:16 yitwa Arawuna.
Mu giheburayo havuga ngo «izi ntama.»
Canke «ico ubona ko ari ciza.»
Raba Insiguro y’amajambo (Gukubita intete).
Shekeli imwe yangana n’amagarama 11,4. Raba Inyongera ya B14.
Urwubati ni ikintu barokezamwo inkota mu kuyibika.
Mu giheburayo havuga ngo «mu kibanza gitaramutse.»
Canke «nta nkomezi aragira.»
Mu giheburayo havuga ngo «mu karuhuko.»
Iryo zina rivuye mw’ijambo ry’igiheburayo risobanura ngo «amahoro.»
Italanto imwe yangana n’ibilo 34,2. Raba Inyongera ya B14.
Mu giheburayo havuga ngo «yisaziye kandi ahaze imisi.»
Canke «abagabura.»
Biboneka ko ari uwundi Shimeyi.
Biboneka ko ari Shimeyi avugwa ku murongo wa 7.
Ku murongo wa 11 yitwa Ziza.
Canke «yarashizwe ku ruhande.»
Mu giheburayo havuga ngo «mu bahungu.»
Ni imikate y’ishikanwa.
Mu giheburayo havuga ngo «umuhungu.» Muri urwo rurimi iryo jambo rishobora gusobanura «umwana w’umuhungu», «umwuzukuru» canke «uwukomoka kuri naka.»
Mu giheburayo havuga ngo «akaduza ihembe ryiwe.» Iyo mvugo isigura kuduza ihembe kugira urivuze, uninahaze Imana.
Canke «vyagizwe vyeranda.»
Canke «vyagizwe vyeranda.»
Canke «bagize vyeranda.»
Ku murongo wa 25 n’uwa 26 yitwa Shelomoti.
Mu giheburayo havuga ngo «Samweli uwubona.»
Canke «baragize vyeranda.»
Mu giheburayo havuga ngo «yarinjira ikongera igasohoka.»
Mu giheburayo havuga ngo «ishavu ryaje kuri Isirayeli.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «Sifumoti.»
Imyelayo bayita kandi olive.
Hashobora kandi kuvugwa ngo «Gedera.»
Mu giheburayo havuga ngo «indogobwa z’ingore.»
Canke «somambike.»
Canke «n’umutima ukwiye.»
Canke «n’umutima ukunze.»
Canke «impengamiro», «intumbero.»
Canke «azogufasha kumuronka.»
Mu giheburayo havuga ngo «n’inzu y’umufuniko w’impongano.» Raba Insiguro y’amajambo (Umufuniko w’impongano).
Mu giheburayo havuga ngo «yararonse biciye ku mpwemu.»
Canke «ivyagizwe vyeranda.»
Ni imikate y’ishikanwa.
Canke «amabirika.»
Mu giheburayo havuga ngo «ukuboko kwa Yehova kwari kuri jewe.»
Canke «ugutahura kwimbitse.»
Canke «nta nkomezi aragira.»
Canke «inyubakwa ikomeye», «ikirimba.»
Mu giheburayo ni «shohamu.»
Ubwo budongo rwari uruvange rw’ishwagara, umusenyi n’amazi.
Italanto imwe yangana n’ibilo 34,2. Raba Inyongera ya B14.
Mu giheburayo havuga ngo «z’amazu.»
Idariki cari igiceri c’inzahabu c’Abaperesi. Raba Inyongera ya B14.
Canke «kuva ibihe bidahera gushika ibihe bidahera.»
Canke «iteka.»
Canke «ata buryarya.»
Canke «n’umutima ukwiye.»
Canke «inyubakwa ikomeye», «ikirimba.»
Raba Insiguro y’amajambo (Kurobanura).
Mu giheburayo havuga ngo «yarahaze imisi, ubutunzi n’icubahiro.»
Mu giheburayo havuga ngo «uwubona.»