ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • nwt Abacamanza 1:1-21:25
  • Abacamanza

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Abacamanza
  • Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Bibiliya y’isi nshasha (nwt)
Abacamanza

ABACAMANZA

1 Yosuwa amaze gupfa+, Abisirayeli babaza Yehova+ bati: «Ni nde muri twebwe azotangura kuja gutera Abanyakanani?» 2 Yehova abishura ati: «Umuryango wa Yuda ni wo uzogenda+, kandi nzobafasha gufata ico gihugu*.» 3 Maze abo mu muryango wa Yuda babwira benewabo bo mu muryango wa Simeyoni bati: «Ingo tujane mu karere twahawe*+, turwanye Abanyakanani. Natwe tuzoheza tujane namwe mu karere mwahawe.» Nuko abo kwa Simeyoni bajana na bo.

4 Abo mu muryango wa Yuda baca baragenda, maze Yehova abafasha gutsinda+ Abanyakanani n’Abaperizi. Batsinda abagabo 10.000 i Bezeki. 5 Aho i Bezeki bahasanga Adoni-Bezeki, barwana na we maze batsinda Abanyakanani+ n’Abaperizi+. 6 Adoni-Bezeki agize ngo arahunga bamwirukako, baramufata maze bamuca ibikumu n’amano makuru. 7 Adoni-Bezeki aca avuga ati: «Hari abami 70 naciye ibikumu n’amano makuru. None ubu basigaye batoragura ibifungurwa munsi y’imeza yanje. Imana inyishuye ivyo nakoreye abandi.» Baca bamuzana i Yeruzalemu+, apfirayo.

8 Hanyuma abo mu muryango wa Yuda batera Yeruzalemu+ barahafata. Abaho bose babicisha inkota, ico gisagara bagiha umuriro. 9 Inyuma y’ivyo baja kurwanya Abanyakanani baba mu karere k’imisozi, aka Negebu n’aka Shefela+. 10 Batera rero Abanyakanani baba i Heburoni. (Heburoni hahora hitwa Kiriyati-Aruba.) Bica Sheshayi, Ahimani na Talimayi+.

11 Baca bava ng’aho baja gutera ababa i Debiri+. (Debiri hahora hitwa Kiriyati-Seferi+.) 12 Kalebu+ aca avuga ati: «Uwuzotera Kiriyati-Seferi akahafata, nzomuha umukobwa wanje Akisa abe umugore wiwe+.» 13 Nuko Otiniyeli+ mwene Kenazi+, Kenazi mutoyi wa Kalebu, arahafata. Kalebu aca amuha umukobwa wiwe Akisa aba umugore wiwe. 14 Maze Akisa ariko araja kwa Otiniyeli, aguma abwira uwo mugabo wiwe ngo asabe itongo se wiwe Kalebu. Akisa aca yururuka indogobwa yari yicayeko* maze Kalebu amubaza ati: «Wipfuza iki?» 15 Na we amwishura ati: «Ndagusavye umpe umuhezagiro. Ko wampaye ahantu humye mu bumanuko*, numpe na Guloti-Mayimu*.» Kalebu aca amuha Guloti ya Ruguru na Guloti y’Epfo.

16 Abakomoka kuri wa Mukeni+, ni ukuvuga sebukwe wa Musa+, bava mu gisagara c’ibigazi*+ bari kumwe n’abo mu muryango wa Yuda. Baja mu bugaragwa bwo mu Buyuda buri mu bumanuko bwa Aradi+, babana na bo+. 17 Mugabo abakomoka kuri Yuda bajana na benewabo bo mu muryango wa Simeyoni, maze batera Abanyakanani baba i Zefati, barahatikiza+. Ni co gituma ico gisagara bacise Horuma*+. 18 Inyuma y’ivyo, bene Yuda bafata Gaza+ n’akarere kaho, Ashikeloni+ n’akarere kaho na Ekuroni+ n’akarere kaho. 19 Yehova yarabafashije ku buryo bigarurira akarere k’imisozi. Mugabo ntibashoboye kwomora ababa mu kiyaya, kuko bari bafise imikogote y’intambara iriko ibibugita ku mapine*+. 20 Baha Kalebu igisagara ca Heburoni nk’uko Musa yari yarabisezeranye+, maze yomora abahungu batatu ba Anaki babayo+.

21 Ariko Ababenyamini ntibomoye Abayebusi baba i Yeruzalemu. Ni co gituma Abayebusi bakibana n’Ababenyamini i Yeruzalemu gushika n’uyu musi+.

22 Muri ico gihe, abakomoka kuri Yozefu+ baja gutera igisagara ca Beteli, kandi Yehova yari kumwe na bo+. 23 Barungika rero abantu bo gusuma urusaku* i Beteli. (Ico gisagara cahora citwa Luzi+.) 24 Abari baje gusuma urusaku babona umugabo avuye muri ico gisagara, bamubwira bati: «Turagusavye utwereke ingene twokwinjira muri iki gisagara. Natwe tuzokugirira neza*.» 25 Nya mugabo aca abereka ingene binjira muri ico gisagara. Maze abaho babicisha inkota, ariko wa mugabo n’umuryango wiwe wose barabareka barigira+. 26 Uwo mugabo aca aja mu gihugu c’Abaheti, yubakayo igisagara maze acita Luzi. Ni ko citwa gushika n’uyu musi.

27 Abo mu muryango wa Manase ntibashoboye kwigarurira Beti-Sheyani n’udusagara tuhegukira*, Tanaki+ n’udusagara tuhegukira, Dori n’ababayo n’udusagara tuhegukira, Ibuleyamu n’ababayo n’udusagara tuhegukira, na Megido n’ababayo n’udusagara tuhegukira+. Abanyakanani baranse kuhava, baguma baba muri ico gihugu. 28 Abisirayeli bamaze gukomera, baciye bakoresha Abanyakanani ibikorwa vy’agahato+, ariko ntibabomoye bose+.

29 N’Abefurayimu ntibomoye Abanyakanani baba i Gezeri. Abanyakanani bagumye babana na bo i Gezeri+.

30 Abo mu muryango wa Zabuloni ntibomoye ababa i Kitironi n’ababa i Nahaloli+. Abanyakanani bagumye babana na bo, mugabo babakoresha ibikorwa vy’agahato+.

31 Abo mu muryango wa Asheri ntibomoye ababa i Ako, i Sidoni+, i Ahulabu, i Akizibu+, i Heluba, i Afiki+ n’i Rehobu+. 32 Bagumye rero babana n’Abanyakanani baho kuko batabomoye.

33 Abo mu muryango wa Nafutali ntibomoye ababa i Beti-Shemeshi n’i Beti-Anati+. Bagumye babana n’Abanyakanani baho+. Baciye bakoresha ababa i Beti-Shemeshi n’i Beti-Anati ibikorwa vy’agahato.

34 Abamori ntibakundiye abo mu muryango wa Dani kumanuka mu kiyaya, bituma Abadani baguma mu karere k’imisozi+. 35 Abamori bagumye rero baba ku musozi Heresi n’i Ayaloni+ n’i Shalubimu+, banka kuhava. Mugabo abakomoka kuri Yozefu bamaze gukomera rwose*, baciye bakoresha Abamori ibikorwa biruhisha. 36 Akarere k’Abamori kahera ku mudugo wa Akurabimu+, kuva i Sela kuduga.

2 Maze umumarayika wa Yehova+ ava i Gilugali+ aja i Bokimu, abwira Abisirayeli ati: «Narabakuye mu Misiri, ndabazana mu gihugu narahiye ko nzoha ba sokuruza banyu+. Kandi navuze nti: “Sinzokwigera ndenga kw’isezerano nagiranye namwe+. 2 Na mwebwe ntimuze mugirane isezerano n’ababa muri iki gihugu+ kandi muze musiturire hasi ibicaniro vyabo+.” Mugabo ntimwanyumviye+. Ivyo mwabikoreye iki? 3 Ni co gituma navuze kandi nti: “Sinzobomora ngo bababise+. Bazobabera umutego+, babakwegakwege ngo musenge imana zabo+.”»

4 Umumarayika wa Yehova akimara kubwira ayo majambo Abisirayeli bose, abantu baca bararira baraboroga. 5 Aho hantu baca bahita Bokimu*. Maze bahashikanira Yehova ibimazi.

6 Yosuwa amaze kurungika abantu, Umwisirayeli wese yaciye aja aho yatoranye kugira ngo ahigarurire+. 7 Abantu rero baguma bakorera Yehova mu gihe cose Yosuwa yamaze akiriho no mu gihe c’abashingantahe babandanije kubaho amaze gupfa. Abo bashingantahe bari barabonye ibintu vyose bikomeye Yehova yakoreye Abisirayeli+. 8 Maze Yosuwa mwene Nuni umusavyi wa Yehova arapfa. Yari afise imyaka 110+. 9 Bamuhamba mu gisagara yatoranye, ari co Timunati-Heresi+ kiri mu karere k’imisozi ka Efurayimu, mu buraruko bw’umusozi Gashi+. 10 Abo mu gihe ca Yosuwa bose* barapfa*, maze inyuma yabo haruka abandi batari bazi Yehova n’ivyo yakoreye Isirayeli.

11 Abisirayeli rero bakora ivyo Yehova abona ko ari bibi, basenga* na za Bayali+. 12 Nuko baheba Yehova Imana ya ba sekuruza yari yarabakuye mu gihugu ca Misiri+. Bakurikira izindi mana, imana z’amahanga yari abakikuje+. Barazunamira, bababaza Yehova+. 13 Barahevye Yehova, batangura gusenga* Bayali n’ibishusho vya Ashitoreti+. 14 Yehova aca ashavurira cane Abisirayeli, bituma abakurako amaboko, abasahuzi barabasahura+. Abatanga* ku bansi bari babakikuje+. Abisirayeli ntibaba bagishobora abansi babo+. 15 Aho baja hose, Yehova yarabarwanya* akabateza ivyago+, bakamererwa nabi cane+. Yehova yabigize nk’uko yari yarabivuze, nk’uko nyene Yehova yari yarabibarahiye+. 16 Yehova yaraheza rero akabazanira abacamanza, bakabakiza ababasahura+.

17 Mugabo baranse kwumviriza n’abacamanza, basenga izindi mana*, barazunamira. Ntibatevye guta inzira ba sekuruza babo bagendeyemwo, kuko bobo bari baragamburutse amabwirizwa ya Yehova+. Mugabo abo Bisirayeli ntibagamburutse. 18 Igihe Yehova yaba abahaye umucamanza+, Yehova yaramufasha agakiza Abisirayeli abansi babo mu gihe cose uwo mucamanza yaba akiriho. Yehova yabigira kubera vyamutera akagongwe*+ kwumva amaborogo baborogeshwa n’ababacinyiza+ bakabafata nabi.

19 Ariko nya mucamanza apfuye, baca basubira gukora ibibi kuruta ba sekuruza, bagakurikira izindi mana, bakazisenga bakongera bakazunamira+. Ntibahevye ingeso zabo n’akagagazo kabo. 20 Yehova yahavuye rero ashavurira cane Abisirayeli+ maze avuga ati: «Kubera ko iri hanga ryahonyanze isezerano+ nategetse ba sekuruza babo kwubahiriza, rikanka kunyumvira+, 21 nanje nta hanga na rimwe nzokwomora mu mahanga Yosuwa yasize igihe yapfa+. 22 Ni ukugira ngo ngeze Abisirayeli, ndabe ko bazoguma bagendera mu nzira jewe Yehova nabashingiye+, nk’uko ba sekuruza babigize.» 23 Ni co gituma Yehova yaretse ayo mahanga. Ntiyihutiye kuyomora kandi ntiyafashije Yosuwa kuyanesha.

3 Aya rero ni yo mahanga Yehova yaretse kugira ngo ageze Abisirayeli bose batari barabonye intambara n’imwe mu ntambara z’i Kanani+. 2 (Kwari ukugira ngo Abisirayeli barutse mu nyuma batari bwabone intambara, bayibone.) 3 Ayo mahanga ni aya: abatware batanu b’Abafilisitiya+, Abanyakanani bose, Abanyasidoni+ n’Abahiwi+ baba ku musozi Libani+, guhera ku musozi Bayali-Herumoni gushika i Lebo-Hamati*+. 4 Yehova yakoresheje ayo mahanga kugira ageze Abisirayeli, amenye ko bogamburutse amabwirizwa yahaye ba sekuruza biciye kuri Musa+. 5 Abisirayeli rero baba mu Banyakanani+ n’Abaheti n’Abamori n’Abaperizi n’Abahiwi n’Abayebusi. 6 Bararongora abakobwa bo muri ayo mahanga, na bo bagaha abahungu bo muri ayo mahanga abakobwa babo. Nuko batangura gusenga imana zabo+.

7 Abisirayeli rero bakora ivyo Yehova abona ko ari bibi, bibagira Yehova Imana yabo, basenga za Bayali+ n’inkingi nyeranda z’ibiti*+. 8 Yehova aca ashavurira cane Abisirayeli maze abatanga* ku mwami wa Mezopotamiya* yitwa Kushani-Rishatayimu. Abisirayeli bamara imyaka umunani baganzwa* na Kushani-Rishatayimu. 9 Abisirayeli baca batabaza Yehova+. Maze Yehova abaha umukiza wo kubarokora+ ari we Otiniyeli+ mwene Kenazi, mutoyi wa Kalebu. 10 Impwemu ya Yehova imuzako+, aba umucamanza wa Isirayeli. Agenda mu rugamba maze Yehova amufasha gutsinda Kushani-Rishatayimu umwami wa Mezopotamiya* aramunesha. 11 Inyuma y’ivyo, igihugu kimara imyaka 40 kiri mu mahoro*. Maze Otiniyeli mwene Kenazi arapfa.

12 Abisirayeli bongera gukora ivyo Yehova abona ko ari bibi+. Yehova aca abakurako amaboko, bituma Eguloni umwami wa Mowabu+ abarusha inguvu, kuko bakoze ivyo Yehova abona ko ari bibi. 13 Bisubiye, Eguloni atumako Abamoni+ n’Abamaleki+ ngo babarwanye. Maze batera Abisirayeli, bigarurira igisagara c’ibigazi*+. 14 Abisirayeli bamara imyaka 18 baganzwa na Eguloni umwami wa Mowabu+. 15 Maze Abisirayeli batabaza Yehova+. Yehova na we abaha umukiza+, ari we Ehudi+ mwene Gera. Yari umugabo w’Umubenyamini+ akoresha ibamfu+. Mu nyuma, Abisirayeli barungikira ikori* Eguloni umwami wa Mowabu, biciye kuri Ehudi. 16 Ehudi yari yacuze inkota ikarishe impande zompi, ifise uburebure bw’intambwe imwe*. Afata rero iyo nkota ayibohera kw’itako ry’iburyo munsi y’impuzu yambaye. 17 Aca aja gushikiriza nya kori Eguloni umwami wa Mowabu. Uwo Eguloni rero yari umugabo avyibushe cane.

18 Ehudi amaze gushikiriza nya kori, aca asubirana inyuma* n’abari baje barimutwaje. 19 Mugabo ashitse ahari ibishusho vy’ibibazano* hafi y’i Gilugali+, aca asubira iyo umwami ari amubwira ati: «Ndagufitiye ubutumwa bw’ibanga, mwami.» Umwami aca avuga ati: «Nimutubise*.» Abariko bakorera umwami bose baca barasohoka. 20 Umwami yari yicaye wenyene mu cumba ciwe co hejuru gipfutse. Ehudi aca aramwegera, amubwira ati: «Ndagufitiye ubutumwa buvuye ku Mana.» Umwami aca ava ku ntebe yiwe y’ubwami. 21 Maze Ehudi atoza ibamfu ya nkota yari kw’itako ry’iburyo, ayimucumita mu nda. 22 Nya nkota yinjirana n’ikirindi, ibinure birayipfuka yose kuko atayisokoye mu nda y’uwo mwami. Umwanda mukuru uca urasohoka. 23 Ehudi aca arasohoka aciye mw’ibaraza*, mugabo asiga yugaye imiryango y’icumba co hejuru, arayidadira. 24 Amaze gusohoka, bamwe bariko barakorera umwami baragaruka, babona imiryango ya ca cumba co hejuru idadiye. Bibwira bati: «Ategerezwa kuba ariko aritabara* mu cumba gipfutse.» 25 Baguma barindiriye gushika aho bibatera isoni. Ariko babonye atevye kwugurura imiryango ya nya cumba, baca batora urupfunguruzo barayugurura, basanga umwami wabo arambaraye hasi yapfuye.

26 Ehudi we yahunze bakiriko baratebagana, aca iruhande ya vya bishusho vy’ibibazano*+, aragenda ashika i Seyira impore. 27 Ashitseyo, aca avuza inzamba+ mu karere k’imisozi ka Efurayimu+, maze Abisirayeli bamanuka bavuye muri ako karere, na we abaja imbere. 28 Maze ababwira ati: «Nimunkurikire, kuko Yehova abahaye intsinzi ku bansi banyu b’Abanyamowabu.» Nuko baramukurikira hanyuma bafata ivyambu vya Yorodani kugira bazibire Abanyamowabu, ntihagira n’umwe bemerera kujabuka. 29 Ico gihe bica Abanyamowabu nka 10.000+, bose bakaba bari abagabo bakomeye kandi b’intwari. Nta n’umwe yabacitse+. 30 Kuri uwo musi Abisirayeli banesha Abanyamowabu barabaganza. Maze igihugu kimara imyaka 80 kiri mu mahoro*+.

31 Inyuma ya Ehudi haza Shamugari+ mwene Anati. Yishe Abafilisitiya+ 600 akoresheje inkoni isongoye*+, na we nyene akiza Isirayeli.

4 Mugabo Ehudi amaze gupfa, Abisirayeli basubira gukora ivyo Yehova abona ko ari bibi+. 2 Yehova aca abatanga* ku mwami wa Kanani+ yitwa Yabini yaganza i Hazori. Umukuru w’ingabo ziwe yitwa Sisera, akaba yaba i Harosheti*+. 3 Yabini* yari afise imikogote 900 y’intambara. Yari imikogote iriko ibibugita ku mapine*+. Yabini yari amaze imyaka 20 acinyiza Abisirayeli bimwe bikomeye+, baraheza rero batakambira Yehova+.

4 Ico gihe umuhanuzikazi+ Debora muka Lapidoti, ni we yacira imanza* Isirayeli. 5 Yakunda kwicara munsi y’ikigazi bita ica Debora hagati y’i Rama+ n’i Beteli+, mu karere k’imisozi ka Efurayimu. Abisirayeli baraja kumuraba ngo abamenyeshe ingingo zivuye ku Mana. 6 Atumako rero Baraki+ mwene Abinowamu aho yari i Kedeshi-Nafutali+, amubwira ati: «Yehova Imana ya Isirayeli ategetse ati: “Haguruka uje* ku musozi Tabora, ujane n’abagabo 10.000 bo mu muryango wa Nafutali n’uwa Zabuloni. 7 Nzokuzanira Sisera umukuru w’ingabo za Yabini ku mugezi* Kishoni+, n’imikogote yiwe y’intambara n’ingabo ziwe, ndagufashe kumutsinda+.”»

8 Baraki amwishura ati: «Nitwajana nzogenda, mugabo nitutajana sinzogenda.» 9 Debora aca avuga ati: «Sinzoreka kujana nawe. Ariko si wewe uzohabwa iteka mu rugamba ugiyeko, kuko Yehova azotsinda Sisera akoresheje umugore+.» Debora aca arahaguruka, ajana na Baraki i Kedeshi+. 10 Nuko Baraki atumako i Kedeshi abo mu muryango wa Zabuloni n’uwa Nafutali+. Maze abagabo 10.000 muri bo baramukurikira, na Debora barajana.

11 Heberi Umukeni yari yaratandukanye n’Abakeni+, ni ukuvuga abakomoka kuri Hobabu sebukwe wa Musa+. Yari yashinze ihema ryiwe iruhande y’igiti kinini c’i Zayananimu, hafi y’i Kedeshi.

12 Maze bamenyesha Sisera ko Baraki mwene Abinowamu yaduze ku musozi Tabora+. 13 Sisera aca yegeranya imikogote yiwe y’intambara yose, ni ukuvuga imikogote 900 iriko ibibugita ku mapine*, akoranya n’ingabo ziwe zose kugira ngo bave i Harosheti baje ku mugezi* Kishoni+. 14 Nuko Debora abwira Baraki ati: «Haguruka, kuko uyu musi ari ho Yehova aza kugufasha gutsinda Sisera. Yehova ni we akuja imbere.» Baraki amanuka rero umusozi Tabora, inyuma yiwe hari abagabo 10.000. 15 Maze Yehova ahungabanya+ Sisera n’imikogote yiwe y’intambara yose n’ingabo ziwe zose, baratsindwa mu gitero ca Baraki*. Amaherezo Sisera ava mu mukogote wiwe ahunga n’amaguru. 16 Baraki aca yoma inyuma nya mikogote ya Sisera n’ingabo ziwe gushika i Harosheti. Ingabo za Sisera zose bazicisha inkota, ntihasigara n’umwe+.

17 Mugabo Sisera ahungira kw’ihema rya Yayeli+ muka Heberi Umukeni+, kuko hari amahoro hagati ya Yabini+ umwami wa Hazori n’urugo rwa Heberi. 18 Maze Yayeli asohoka kumusanganira, amubwira ati: «Niwinjire ng’aha databuja, niwinjire, ntutinye.» Nuko yinjira mw’ihema rya Yayeli, Yayeli aca amupfuka uburengeti. 19 Hanyuma Sisera amubwira ati: «Inyota iranyishe, ntabara umpe utuzi two kunywa.» Nuko apfundurura umukuza w’urushato urimwo amata, aramuha aranywa+, aca arasubira aramupfuka. 20 Sisera aca amubwira ati: «Hagarara ku bwinjiriro bw’ihema. Nihagira uwuza akakubaza ngo “Hari umugabo ari ng’aha?”, uce uvuga uti: “Nta wuhari.”»

21 Mugabo Yayeli muka Heberi ahengera Sisera asinziriye ubutikoma, arushe cane, atora urumambo* rw’ihema n’inyundo. Aca aja iyo ari asoboka, amushinga nya rumambo mu mutwe*. Araruhonda gushika arushinze hasi. Sisera aca arapfa+.

22 Maze Baraki ashika kwa Yayeli akurikiye Sisera. Yayeli aca asohoka kumusanganira, amubwira ati: «Ingo nkwereke umugabo uriko urarondera.» Nuko barinjirana maze Baraki asanga Sisera arambaraye hasi yapfuye, rwa rumambo rushinze mu mutwe wiwe.

23 Kuri uwo musi rero, Imana ifasha Abisirayeli kunesha Yabini umwami wa Kanani+. 24 Abisirayeli baguma barwanya Yabini umwami wa Kanani+ bimwe bikomeye gushika bamuzimanganije+.

5 Kuri uwo musi, Debora+ na Baraki+ mwene Abinowamu baririmba iyi ndirimbo+ bati:

 2 «Kubera yuko abarwanyi muri Isirayeli barekuye imishatsi*,

kubera yuko abantu bitanze babikunze+,

nimushemeze Yehova!

 3 Umvirize yemwe bami, tege ugutwi yemwe bategetsi!

Ngira ndirimbire Yehova,

ndirimbire amashemezo* Yehova+, Imana ya Isirayeli+.

 4 Yehova, igihe wava i Seyiri+,

igihe wava mu karere ka Edomu,

isi yacīye inyiganyiga, ijuru rigwisha imvura nyinshi,

n’ibicu bigwisha amazi menshi.

 5 Imisozi yāshonze* imbere ya Yehova+,

n’umusozi Sinayi washongeye imbere ya Yehova+, Imana ya Isirayeli+.

 6 Mu gihe ca Shamugari+ mwene Anati,

mu gihe ca Yayeli+, amabarabara yarera.

Abafata ingendo baca mu tundi tuyira.

 7 Ababa mu bigwati bitazitiye muri Isirayeli bari baromotse*.

Bari baromotse gushika jewe Debora+ nserutse*,

gushika nserutse nk’umuvyeyi muri Isirayeli+.

 8 Abisirayeli bari bahisemwo izindi mana+,

maze haduka intambara ku marembo y’ibisagara vyabo+.

Mu basoda b’Abisirayeli 40.000,

nta nkinzo canke icumu washobora kuhabona.

 9 Umutima wanje uri kumwe n’abakomanda ba Isirayeli+,

bo bitanze bakajana n’abantu+.

Nimushemeze Yehova!

10 Yemwe abagendera ku ndogobwa z’ibara ry’akagajo,

mwebwe mwicaye ku bitambara vyizavyiza,

namwe mugendagenda mu mabarabara,

nimuzirikane kuri ibi:

11 Amajwi y’abatanga amazi yumvikanye aho bavoma.

Bariko bahayagira ibikorwa bigororotse vya Yehova,

ibikorwa bigororotse vy’abantu biwe baba mu bigwati bitazitiye muri Isirayeli.

Abantu ba Yehova baciye baja ku marembo y’ibisagara.

12 Ikangure, ikangure Debora+ we!

Ikangure, ikangure uririmbe indirimbo+!

Haguruka Baraki+ we! Jana imbohe zawe, yewe mwene Abinowamu!

13 Abari basigaye baciye baza ku banyacubahiro.

Abantu ba Yehova baciye baza aho ndi kugira barwanye abanyenkomezi.

14 Abari mu kiyaya bari abo muri Efurayimu,

bari inyuma yawe, ewe Benyamini, bari kumwe n’abantu bawe.

Abakomanda baje bava mu bo kwa Makiri+,

muri Zabuloni na ho hava abinjiza abantu mu gisoda*.

15 Abaganwa bo muri Isakari bari kumwe na Debora,

Isakari yari kumwe na Debora cokimwe na Baraki+.

Yarungitswe mu kiyaya, ajayo n’amaguru+.

Mu miryango ikomoka kuri Rubeni habaye ukwijijanya imitima cane.

16 Kubera iki wiyicariye nk’igitungwa c’igitwazi gitwaye imizigo ibiri,

wiyumviririza abungere bavugiriza umwironge ibitungwa vyabo+?

Mu miryango ikomoka kuri Rubeni habaye ukwijijanya imitima cane.

17 Ababa i Gileyadi bigumiye hakurya ya Yorodani+,

abo mu muryango wa Dani na bo, kubera iki bigumiye iruhande y’amato*+?

Abo kwa Asheri bagumye biyicariye ku nkengera y’ikiyaga,

bigumira iruhande y’ibivuko*+ vyabo.

18 Abo mu muryango wa Zabuloni bahevye* ubuzima bwabo ntibatinya urupfu.

N’abo mu muryango wa Nafutali+ ni ko bitanze ku misozi+.

19 Abami baje, bararwana.

Abami b’i Kanani barwaniye+ i Tanaki,

iruhande y’amazi y’i Megido+.

Ariko nta feza basahuye+.

20 Inyenyeri zarwanye ziri kw’ijuru,

zirwanya Sisera ziri ku nzira zizungurukirako.

21 Uruzi* Kishoni rwuzuye rurabatwara+,

rwa ruzi rwa kera, uruzi Kishoni.

Wahonyangiye hasi abanyenkomezi, ewe mutima wanje!

22 Amafarasi yaciye adidagura ibinono hasi,

impfizi z’amafarasi yiwe zica zitangura kwiruka nk’izasaze+.

23 “Nimuvume Merozi”, ni ko umumarayika wa Yehova avuze.

“Nimuvume abahaba,

kuko bataje gufasha Yehova.

Ntibaje gufasha Yehova bari kumwe n’abanyenkomezi.”

24 Yayeli+ arahezagiwe kuruta abandi bagore bose,

Yayeli umugore wa Heberi+ Umukeni.

Arahezagiwe kuruta abandi bagore baba mu mahema.

25 Sisera yasavye amazi, ariko amuha amata.

Yamuhereye amata avuze+ mw’ibakure nziza cane.

26 Yatumye ukuboko atora urumambo rw’ihema,

atuma ukuryo atora inyundo y’abakozi.

Ahonda Sisera, amumena umutwe,

Imisaya yiwe arayitobekeranya, arayisavya+.

27 Hagati y’ibirenge vya Yayeli ni ho yatembagariye, ni ho yaguye aruma.

Hagati y’ibirenge vya Yayeli ni ho yatembagariye, ni ho yaguye.

Aho yatembagariye ni ho yaguye, aratsindwa.

28 Hari umugore yaguma araba mw’idirisha,

nyina wa Sisera yaguma arunguruka mu kayungiro k’idirisha, akavuga ati:

“Kuki umukogote wiwe utevye kuza?

Ko ntarumva imirindi y’imikogote yiwe+?”

29 Abanyabwenge mu bakenyezi b’abanyacubahiro bamukorera, bakamwishura,

na we nyene akaguma yibwira ati:

30 “Uko biri kwose bariko baragabura isahu baronse,

umurwanyi wese agatora umwigeme* umwe canke babiri,

Sisera agatora impuzu basahuye y’ibara, emwe impuzu basahuye y’ibara,

abasahuye bagatora impuzu imwe ideshe y’ibara canke zibiri

zo kwambara kw’izosi.”

31 Ewe Yehova, abansi bawe bose barakayogera+!

Abagukunda na bo bamere nk’izuba riserutse mu bwiza bwaryo.»

Nuko igihugu kimara imyaka 40 kiri mu mahoro*+.

6 Mugabo Abisirayeli basubira gukora ivyo Yehova abona ko ari bibi+. Yehova aca abatanga ku Bamidiyani, bamara imyaka indwi babaganza+. 2 Abamidiyani bacinyiza Abisirayeli+, bituma Abisirayeli barondera ahantu binyegeza* mu misozi, mu masenga no mu bibanza bigoye gushikamwo+. 3 Igihe cose Abisirayeli bateye imbuto, Abamidiyani n’Abamaleki+ n’Abanyabuseruko+ baca babatera. 4 Barashinga amakambi kugira batere Abisirayeli, bakayogeza umwimbu wabo gushika i Gaza. Nta bifungurwa canke intama canke inka canke indogobwa babasigariza+. 5 Baza bazananye n’ibitungwa vyabo n’amahema yabo, ari benshi nk’inzige+. Bo hamwe n’ingamiya zabo nta washobora kubiharura+. Baraza mu gihugu kugira bagitikize. 6 Maze Abisirayeli bugarizwa n’ubukene kubera Abamidiyani, baca batabaza Yehova+.

7 Aho Abisirayeli batabarije Yehova kubera Abamidiyani+, 8 Yehova abarungikira umuhanuzi, ababwira ati: «Ibi ni vyo Yehova Imana ya Isirayeli avuze: “Ni jewe nabakuye mu Misiri, aho mwari abashumba*+. 9 Narabakijije Abanyamisiri n’ababacinyiza bose. Naromoye abansi banyu babava imbere maze ndabaha igihugu cabo+. 10 Vyongeye, nababwiye nti: ‘Ndi Yehova Imana yanyu+. Ntimuze mutinye imana z’Abamori bene igihugu mubayemwo+.’ Mugabo ntimwanyumviye*+.”»

11 Mu nyuma umumarayika wa Yehova araza+, yicara munsi y’igiti kinini ca Yowasi wo muri bene Abiyezeri+ cari i Ofura. Umuhungu wiwe Gideyoni+ yariko akubitira ingano mu ruganiro rw’umuvinyu kugira Abamidiyani ntibazibone. 12 Uwo mumarayika wa Yehova aramwiyereka, amubwira ati: «Yehova ari kumwe nawe+, wa ntwari mu rugamba.» 13 Gideyoni amwishura ati: «Ntunga databuja. Nimba Yehova ari kumwe natwe, kubera iki none ibi vyose vyadushikiye+? Biri hehe vya bikorwa vyiwe vyose vy’agatangaza ba data batwiganiye+? Batubwira bati: “Yehova ni we yadukuye mu Misiri+.” None raba Yehova yaradutaye+, adutanga ku Bamidiyani.» 14 Yehova aca aramuraba, amubwira ati: «Jana izo nkomezi ufise, kandi uzokiza Abisirayeli agacinyizo k’Abamidiyani+. None si je ndagutumye?» 15 Gideyoni amwishura ati: «Ntunga Yehova. Nokiza Isirayeli gute? Ehe umuryango wacu* uri hasi cane muri bene Manase, nanje nkaba ndi umuntu ata co avuze mu rugo rwa dawe.» 16 Mugabo Yehova amubwira ati: «Erega nzoba ndi kumwe nawe+, kandi uzonesha Abamidiyani nk’aho boba ari umuntu umwe gusa.»

17 Gideyoni asubizayo ati: «Nimba rero washimye kungirira ubuntu*, numpe ikimenyetso kinyemeza yuko ari wewe turiko turavugana. 18 Ndagusavye ugume aha gushika nzanye inzimano, mpeze ndayiguhe+.» Na we avuga ati: «Ndahaguma gushika ugarutse.» 19 Gideyoni aca aragenda, ategura umwagazi w’impene. Atora n’ifu ingana n’ingero imwe ya efa*, akora imikate+ itarimwo umwambiro. Inyama azishira mu gisimbo, umufa na wo mu nkono, aca abimuzanira munsi ya ca giti, arabimuzimana.

20 Wa mumarayika w’Imana y’ukuri amubwira ati: «Fata izo nyama n’iyo mikate ubishire kuri kirya gitandara hanyuma usukeko uwo mufa.» Gideyoni aca arabigira. 21 Maze uwo mumarayika wa Yehova afata inkoni yari afise, akoza isonga ryayo kuri za nyama na ya mikate itarimwo umwambiro. Umuriro uca uva muri nya gitandara, urabiturira biratokombera+. Uwo mumarayika wa Yehova aca arakamangana, Gideyoni ntiyasubira kumubona. 22 Gideyoni aca aratahura ko yari umumarayika wa Yehova+.

Maze avuga ati: «Ndagowe Mukama Segaba Yehova, kuko mbonye umumarayika wawe amaso mu yandi+, ewe Yehova!» 23 Mugabo Yehova amubwira ati: «Humura* ntutinye+. Ntupfa.» 24 Gideyoni aca ahubakira Yehova igicaniro, kikaba citwa Yehova-Shalomu*+ gushika n’uyu musi. Kiracari i Ofura ha bene Abiyezeri.

25 Mw’ijoro ry’uwo musi, Yehova amubwira ati: «Tora ya shuri ya so igira kabiri, imwe imaze imyaka indwi, uce usambura ca gicaniro ca so cubakiwe Bayali. Wicire na ya nkingi nyeranda y’igiti* iri iruhande yaco+. 26 Niwaheza gutondeka amabuye ukubakira igicaniro Yehova Imana yawe kw’isonga ry’iki kibanza gikingiwe, uce ufata nya shuri igira kabiri uyitange nk’ishikanwa riturirwa. Ukoreshe inkwi za ya nkingi nyeranda y’igiti wicira.» 27 Gideyoni atora rero abagabo cumi mu basuku biwe maze akora nk’uko Yehova yamubwiye. Mugabo abikora mw’ijoro aho kubikora ku murango kuko yatinya cane abo mu rugo rwa se n’abagabo bo mu gisagara.

28 Abagabo bo mu gisagara bavyutse kare mu gitondo, basanga igicaniro ca Bayali casituriwe hasi, ya nkingi nyeranda y’igiti yari iruhande yaco yiciwe, ya shuri igira kabiri na yo nyene yashikanywe ku gicaniro cahubatswe. 29 Barabazanya bati: «Ni nde yakoze ibi?» Bamaze gutohoza, basanga Gideyoni mwene Yowasi ni we yabikoze. 30 Nya bagabo bo mu gisagara rero babwira Yowasi bati: «Sohora umuhungu wawe tumwice, kuko yasituriye hasi ca gicaniro ca Bayali, akongera akicira ya nkingi nyeranda yari iruhande yaco.» 31 Yowasi+ aca abwira abari bahanganye na we bose ati: «Mbega ni mwebwe muburanira Bayali? Ni mwebwe murondera kuyikiza? Uwo wese ayiburanira akwiye kwicwa muri iki gitondo+. Nimba ari imana niyiburanire+, ko hari uwasituriye hasi igicaniro cayo.» 32 Guhera uwo musi Yowasi yita Gideyoni Yerubayali*. Avuga ati: «Bayali niyiburanire kuko hari uwasituriye hasi igicaniro cayo.»

33 Nuko Abamidiyani+ bose n’Abamaleki+ n’Abanyabuseruko bagira urunani+ baca barajabuka uruzi, hanyuma bakambika mu kiyaya ca Yezireli. 34 Impwemu ya Yehova ica iza kuri* Gideyoni+, avuza inzamba+ maze bene Abiyezeri+ bamwiyungako. 35 Arungika intumwa mu karere kose ka Manase, na bo baza kumwiyungako. Arungika n’intumwa mu karere ka Asheri, aka Zabuloni n’aka Nafutali, na bo nyene baza kumusanganira.

36 Maze Gideyoni abwira Imana y’ukuri ati: «Nimba ugira ukize Isirayeli biciye kuri jewe, nk’uko wabisezeranye+, 37 ehe nshize ubwoya bw’intama ku mbuga yo mu murima*. Urume nirwaja kuri ubwo bwoya gusa mugabo hasi hose hakaguma humye, nzoca menya yuko uzokiza Isirayeli biciye kuri jewe nk’uko wabisezeranye.» 38 Ukwo nyene ni ko vyagenze. Avyutse kare ku musi ukurikira maze agakanya nya bwoya, havamwo amazi y’urume yokwuzura ibakure nini y’inzimano. 39 Ariko Gideyoni abwira Imana y’ukuri ati: «Ndagusavye ntunshavurire, mbaze rindi rimwe gusa. Nkundira ngerageze ikindi kintu kimwe gusa nkoresheje ubu bwoya. Ndagusavye ubwoya bwonyene bube ari bwo bwuma mugabo hasi huzure urume.» 40 Imana igira ukwo nyene iryo joro. Ubwoya ni bwo bwonyene bwumye, mugabo hasi haba ari ho huzura urume.

7 Maze Yerubayali ari we Gideyoni+, n’abari kumwe na we bose, barazinduka bakambika hafi y’isoko ry’amazi rya Harodi. Abamidiyani bobo bari bakambitse mu kiyaya hafi y’umurambi wa More, mu buraruko bw’ikambi ya Gideyoni. 2 Nuko Yehova abwira Gideyoni ati: «Abasoda bari kumwe nawe ni benshi cane. Sinobafasha gutsinda+ Abamidiyani kuko Abisirayeli bohava banyiyemerako bati: “Inguvu zacu ni zo zatumye dutsinda*+.” 3 Ndagusavye rero umenyeshe abasoda bose uti: “Uwo wese afise ubwoba canke ajugumira, niyitahire+.”» Nuko Gideyoni arabageza mu kubabwira ayo majambo, abasoda 22.000 baca barataha, hasigara 10.000.

4 Mugabo Yehova abwira Gideyoni ati: «Abantu baracari benshi cane. Bamanukane ku mazi kugira ndabagusuzumire. Ninakubwira nti: “Uyu murajana”, muze kujana, mugabo ninakubwira nti: “Uyu ntimujana”, ntimujane.» 5 Nuko Gideyoni abamanukana ku mazi.

Maze Yehova amubwira ati: «Abo bose baza kunywera amazi ku rushi, bakayanywesha ururimi nk’imbwa, ubatandukanye n’abaza kuyanywa bapfukamye.» 6 Abagabo 300 ni bo banywereye amazi ku rushi barudugije ku munwa. Abasigaye bose bayanyoye bapfukamye.

7 Yehova aca abwira Gideyoni ati: «Nza kubakiza biciye kuri abo bagabo 300 banywereye amazi ku rushi kandi ndaza kugufasha utsinde Abamidiyani+. Mugabo abandi bose nibitahire.» 8 Nuko ba basoda 300 batora impamba n’inzamba vya ba basoda bandi. Gideyoni asigarana n’abo 300, abandi basoda b’Abisirayeli arabarungika barataha. Abamidiyani bari bakambitse mu kiyaya+, hepfo y’ikambi ya Gideyoni.

9 Maze mw’ijoro ry’uwo musi, Yehova amubwira ati: «Haguruka utere iyo kambi kuko nza kugufasha kuyitsinda+. 10 Mugabo nimba utinya kuyitera, manukanayo n’umukozi wawe Pura, 11 wumvirize ivyo bavuga. Niwamara kuvyumva, uragira umutima rugabo* wo gutera iyo kambi.» Nuko we n’umukozi wiwe Pura baramanuka, bashika hafi ya nya kambi y’abasoda.

12 Abamidiyani n’Abamaleki n’Abanyabuseruko+ bose bari bakubise mu kiyaya harazima, nka kurya kw’igitero c’inzige. Ingamiya zabo ntizagira igitigiri+. Zari nyinshi nk’udutete tw’umusenyi wo ku nkengera y’ikiyaga. 13 Gideyoni ashitseyo, yumva umugabo yariko yiganira mugenziwe indoto yarose ati: «Ibi ni vyo narose: nabonye umukate wiburungushuye* uriko urazunguruka mw’ikambi y’Abamidiyani. Nuko ushika kw’ihema rimwe urarikubita cane gushika n’aho ritemba+. Emwe, uwo mukate wubika iryo hema, rirambarara hasi.» 14 Uwo mugenziwe aca yishura ati: «Basha, iyo ni inkota ya Gideyoni+ mwene Yowasi, umugabo wo muri Isirayeli. Imana yamaze kumuha intsinzi ku Bamidiyani n’ikambi yose+.»

15 Gideyoni akimara kwumva indoto y’uwo mugabo n’insobanuro yayo+, aca arunama arasenga. Hanyuma asubira kw’ikambi ya Isirayeli, avuga ati: «Nimuhaguruke, kuko Yehova aduhaye intsinzi kw’ikambi y’Abamidiyani.» 16 Ba bagabo 300 aca abagabura mu migwi itatu maze bose abaha inzamba+ n’imibindi minini igaragara irimwo ibimuri. 17 Ababwira ati: «Muze kunyitegereza, uko ngira abe ari ko mugira. Ninashika hafi y’ikambi, ivyo nkora abe ari vyo mukora. 18 Jewe n’abo turi kumwe bose nitwamara kuvuza inzamba, namwe muce muvuza inzamba irya n’ino y’ikambi, mwihe akamo muti: “Ku bwa Yehova na Gideyoni!”»

19 Gideyoni n’abasoda 100 bari kumwe na we bashika hafi y’ikambi iterama ryo mu gicugu* ritanguye, umugwi wa kabiri w’abanyezamu ari ho ugishika. Baca bavuza inzamba+, basavya na ya mibindi minini bari bafise+. 20 Ya migwi itatu yose ica ivuza inzamba yongera isavya ya mibindi. Baca bafata vya bimuri mu kubamfu, bavuza inzamba zari mu kuryo, maze biha akamo bati: «Inkota ya Yehova n’iya Gideyoni!» 21 Abasoda bari bakikuje ikambi, umwumwe wese ahagaze mu kibanza ciwe. Ingabo zose z’Abamidiyani zica zirahunga+, zigenda zirakoma induru. 22 Bamwe 300 babandanya kuvuza inzamba, maze Yehova atuma umwumwe wese mu bari mw’ikambi yicisha inkota mugenziwe+. Izo ngabo zirahunga gushika i Beti-Shita n’i Zerera, ziguma zihunga gushika no ku rubibe rwa Abeli-Mehola+ hafi ya Tabati.

23 Maze Gideyoni atumako Abisirayeli bo mu karere ka Nafutali, aka Asheri n’aka Manase kose+, baza kwoma inyuma Abamidiyani. 24 Gideyoni arungika intumwa mu karere k’imisozi ka Efurayimu kose ngo zivuge ziti: «Nimumanuke muje gutera Abamidiyani, mubazibire ntibajabuke Yorodani n’izindi nzuzi. Mubazibire gushika i Beti-Bara.» Abagabo bose bo mu karere ka Efurayimu baca baja hamwe, bafata ivyambu vya Yorodani n’izindi nzuzi gushika i Beti-Bara. 25 Bafata abaganwa babiri b’Abamidiyani, ari bo Orebu na Zebu. Orebu bamwicira ku gitandara ca Orebu+, Zebu na we ku ruganiro rw’umuvinyu rwa Zebu. Babandanya kwoma inyuma Abamidiyani+, hanyuma bazanira Gideyoni umutwe wa Orebu n’uwa Zebu mu karere ka Yorodani.

8 Maze ba bagabo bo mu karere ka Efurayimu babwira Gideyoni bati: «Ivyo watugize ni ibiki? Kubera iki utaduhamagaye igihe waja kurwanya Abamidiyani+?» Baramushwanira cane+. 2 Mugabo abishura ati: «Mugira hari ico nakoze cogereranywa n’ivyo mwakoze? Inzabibu nkeyi Abefurayimu+ batoraguye ziraruta izo bene Abiyezeri+ bimbuye. 3 Ni mwebwe Imana yahaye intsinzi ku baganwa b’Abamidiyani, Orebu na Zebu+. Mwumva none hari ico jewe nakoze cogereranywa n’ivyo mwakoze?» Avuze ivyo* baca baraturura.

4 Gideyoni araheza ashika ku ruzi Yorodani, ararujabuka. Naho we na ba bagabo 300 bari kumwe na we bari barushe, bagumye bakurikira umwansi. 5 Abwira rero abagabo b’i Sukoti ati: «Ndabasavye mumpere ivyo kurya* abasoda turi kumwe kuko barushe, nanje nkaba ngikurikira Zeba na Zalumuna, abami ba Midiyani.» 6 Mugabo abaganwa b’i Sukoti bamwishura bati: «None Zeba na Zalumuna wamaze kubafata muko duha ingabo zawe ivyo kurya?» 7 Gideyoni aca ababwira ati: «Ko muvuze ukwo, Yehova niyamfasha gutsinda Zeba na Zalumuna, nzobashishuza amahwa n’ibihandambwa* vyo mu bugaragwa+.» 8 Ava ng’aho aduga i Penuweli, asaba abagabo baho ivyo yasavye ab’i Sukoti. Mugabo bamwishura nk’uko ab’i Sukoti bamwishuye. 9 Aca abwira abagabo b’i Penuweli ati: «Ninagaruka amahoro, nzosenyurira hasi uyu munara+ wanyu.»

10 Ico gihe Zeba na Zalumuna bari i Karukori bari kumwe n’ingabo zabo, abagabo nka 15.000. Ni bo bonyene bari basigaye mu ngabo zose z’Abanyabuseruko+, kuko abagabo 120.000 barwanisha inkota bari baguye ku rugamba. 11 Gideyoni adugana inzira y’ababa mu mahema, mu buseruko bwa Noba na Yogibeha+, maze atera ikambi y’abo bansi batari bavyiteze. 12 Ba bami babiri b’Abamidiyani ari bo Zeba na Zalumuna bagize ngo barahunga, aca abirukako arabafata, ikambi yose irahungabana.

13 Maze Gideyoni mwene Yowasi agaruka avuye ku rugamba, azanana akayira kaduga i Heresi. 14 Ari mu nzira, afata umusore umwe w’i Sukoti amubaza ibibazo. Uwo musore aca amwandikira amazina y’abaganwa n’abashingantahe b’i Sukoti. Bose hamwe bari abagabo 77. 15 Aca aja kuraba abagabo b’i Sukoti, ababwira ati: «Ng’uyu Zeba na Zalumuna, bamwe mwancokorako muvuga ngo: “Mbega Zeba na Zalumuna wamaze kubafata muko duha ivyo kurya ingabo zawe zirushe+?”» 16 Afata rero abashingantahe b’ico gisagara, abashishaguza amahwa n’ibihandambwa vyo mu bugaragwa. Atoza indero abagabo b’i Sukoti+. 17 Wa munara w’i Penuweli na wo awusenyurira hasi+, yica n’abagabo bo muri ico gisagara.

18 Gideyoni abaza Zeba na Zalumuna ati: «Abagabo mwiciye i Tabora bari bameze gute?» Na bo bati: «Bari bameze nkawe. Umwe wese muri bo yasa n’umwana w’umwami.» 19 Aca avuga ati: «Bari abo tuvukana, bari benemama. Ndabarahiye Yehova Imana nzima, iyo mutabica na je sinari kubica.» 20 Maze abwira Yeteri imfura yiwe ati: «Haguruka ubice.» Mugabo uwo musore ntiyasokora inkota yiwe. Yaratinye kuko yari akiri muto. 21 Zeba na Zalumuna baca babwira Gideyoni bati: «Haguruka abe ari wewe utwiyicira. Erega umugabo umumenyera ku nkomezi ziwe*.» Gideyoni aca arahaguruka, yica Zeba na Zalumuna+ maze atwara ibisharizo vyihese nk’ukwezi vyari ku mazosi y’ingamiya zabo.

22 Mu nyuma Abisirayeli babwira Gideyoni bati: «Nutuganze, wewe n’umuhungu wawe n’umwuzukuru wawe, kuko wadukijije Abamidiyani+.» 23 Mugabo Gideyoni abishura ati: «Jewe sinzobaganza, eka n’umuhungu wanje ntazobaganza. Yehova ni we azobaganza+.» 24 Yongerako ati: «Reka ndabasabe ikintu kimwe: umwe wese muri mwebwe nampe ihereni ryo ku zuru mu vyo yasahuye.» (Abaneshejwe bari bafise amahereni y’inzahabu bambara ku zuru, kuko bari Abishimayeli+.) 25 Bamwishura bati: «Emwe turayaguha.» Baca basanza impuzu maze umwe wese muri bo atererako ihereni ryo ku zuru akuye mu vyo yasahuye. 26 Amahereni yo ku zuru yaronse, yose hamwe yapima shekeli* 1.700 z’inzahabu. Aho ntiharimwo vya bisharizo vyihese nk’ukwezi n’amahereni maremare n’impuzu z’ubwoya z’ibara ry’umuyugubwe* z’abami b’Abamidiyani n’ibisharizo bambika ingamiya ku mazosi+.

27 Gideyoni abihinguramwo efodi*+, ayishira ahantu habona mu gisagara yabamwo ca Ofura+. Abisirayeli bose batangura kujayo kuyisenga bahemukira Imana*+, maze ibera umutego Gideyoni n’urugo rwiwe+.

28 Nuko Abamidiyani+ baneshwa n’Abisirayeli, ntibasubira kubatera*. Mu gihe ca Gideyoni, igihugu kimara imyaka 40 kiri mu mahoro*+.

29 Yerubayali+ mwene Yowasi asubira iwe, yigumirayo.

30 Gideyoni avyara abahungu 70*, kuko yari afise abagore benshi. 31 Incoreke yiwe yaba i Shekemu na yo nyene imuvyarira umuhungu, amwita Abimeleki+. 32 Maze Gideyoni mwene Yowasi apfa yisaziye neza, bamuhamba aho bahamvye se Yowasi i Ofura ha bene Abiyezeri+.

33 Gideyoni akimara gupfa, Abisirayeli bongera guhemukira Imana*, basenga za Bayali+. Bayali-Beriti bayigira imana yabo+. 34 Abisirayeli ntibaba bacibuka Yehova Imana yabo+, yari yarabakijije abansi babo bose bari babakikuje+. 35 Nta n’ubuntu bagiriye* urugo rwa Yerubayali ari we Gideyoni, ku vyiza vyose yari yarakoreye Abisirayeli+.

9 Mu nyuma Abimeleki+ mwene Yerubayali aja i Shekemu kuraba basaza ba nyina, maze bo n’umuryango wose wa sekuru* ababwira ati: 2 «Ndabasavye mubaze abatware* bose b’i Shekemu muti: “Mwoshima ko abahungu ba Yerubayali babaganza bose uko ari 70+ canke mwoshima ko umuntu umwe aba ari we abaganza? Kandi mwibuke ko dusangiye amaraso*.”»

3 Basaza ba nyina babwira rero abatware bose b’i Shekemu ivyo Abimeleki yavuze, na bo baca baremera kumukurikira*, bavuga bati: «Nakare ni mwenewacu.» 4 Baca baha Abimeleki ifeza 70 bakuye mu rusengero* rwa Bayali-Beriti+, na we ayaha abagabo batagira ico bakora kandi batisonera kugira bamukurikire. 5 Inyuma y’ivyo aja ku rugo rwa se i Ofura+ maze yica benewabo+, ba bahungu 70 ba Yerubayali, abicira kw’ibuye rimwe. Yotamu umuhererezi wa Yerubayali ni we wenyene yarokotse kuko yari yinyegeje.

6 Maze abatware bose b’i Shekemu n’abantu bose b’i Beti-Milo bakoranira hamwe, bimika Abimeleki, aba umwami+. Bamwimikiye hafi y’inkingi yari iruhande ya ca giti kinini c’i Shekemu.

7 Yotamu akimara kuvyumva, aca aja kw’isonga ry’umusozi Gerizimu+, ababwira n’ijwi rirenga ati: «Yemwe batware b’i Shekemu nimunyumvirize, Imana na yo izoheza ibumvirize.

8 Igihe kimwe, ibiti vyagiye kwimika* umwami wo kubiganza. Nuko bibwira igiti c’umwelayo* biti: “Nutuganze+.” 9 Mugabo ico giti cishura giti: “Mpebe amavuta yanje* bakoresha mu gutera iteka Imana n’abantu, nje kuzungazunga hejuru y’ibindi biti?” 10 Maze nya biti bibwira igiti c’umusukoni biti: “Ingo wewe utuganze.” 11 Mugabo cishura giti: “Mpebe ukuryoha kwanje n’ivyamwa vyanje vyiza, nje kuzungazunga hejuru y’ibindi biti?” 12 Hanyuma nya biti bibwira umuzabibu biti: “Ingo wewe utuganze.” 13 Umuzabibu na wo wishura uti: “Mpebe umuvinyu wanje mushasha unezereza Imana n’abantu, nje kuzungazunga hejuru y’ibiti?” 14 Amaherezo, ibindi biti vyose bibwira umubambangwe biti: “Ingo utuganze+.” 15 Umubambangwe uca ubibwira uti: “Nimba vy’ukuri mushaka kungira umwami wo kubaganza, nimuhungire mu gitutu canje. Atari ukwo na ho, umuriro nuve mu mubambangwe urigite amasederi y’i Libani.”

16 Ubu rero reka ndabibarize: ko mwimitse Abimeleki+, mwoba mwabikoze ata buryarya, mubona ko ari vyo bibereye? Mwoba mwakoreye iciza Yerubayali n’abo mu rugo rwiwe? Mwoba mwamukoreye ivyo akwiriye? 17 Dawe yarabarwaniye+, ashira ubuzima bwiwe mu kaga kugira abakize Abamidiyani+. 18 Ariko ubu mwahagurukiye urugo rwiwe. Mwiciye abahungu biwe 70 kw’ibuye rimwe+ maze mwimika Abimeleki umwana w’umusukukazi wiwe+, kugira abe ari we aganza ab’i Shekemu kubera gusa ari uw’iwanyu. 19 Nimba rero ivyo mukoreye Yerubayali n’abo mu rugo rwiwe mubikoze ata buryarya, mubona ko ari vyo bibereye, nimunezererwe Abimeleki, na we abanezererwe. 20 Atari ukwo na ho, umuriro nuve kuri Abimeleki uturire abatware b’i Shekemu n’abantu b’i Beti-Milo+, kandi umuriro uve ku batware b’i Shekemu n’abantu b’i Beti-Milo uturire Abimeleki+.»

21 Maze Yotamu+ ariruka ahungira i Beri, araheza abayo kubera yatinya mwenewabo Abimeleki.

22 Abimeleki aganza Isirayeli* imyaka itatu. 23 Maze Imana irareka haba urwanko* hagati ya Abimeleki n’abatware b’i Shekemu, baramuhemukira. 24 Kwari ukugira ngo Imana ihore ikibi cakorewe ba bahungu 70 ba Yerubayali. Yashaka ko amaraso yabo agaruka kuri mwenewabo Abimeleki kubera yabishe+, no ku batware b’i Shekemu kubera bamufashije kubica. 25 Nuko abatware b’i Shekemu bashira hejuru ku misozi abagabo bo kumugirira nabi, bakaza barasahura umuntu wese aciye ku nzira hafi yabo. Abimeleki arateba arabimenya.

26 Maze Gayali mwene Ebedi azanana na benewabo i Shekemu+, hanyuma abatware b’i Shekemu baramwizigira. 27 Nuko barasohoka, baja gusoroma inzabibu mu mirima yabo, baziganisha ibirenge. Baraheza binjira mu rusengero rw’imana yabo+, bararya baranywa maze batangura kuvuma Abimeleki. 28 Gayali mwene Ebedi avuga ati: «Abimeleki abaye nde, canke Shekemu* ngo tubakorere? Mbega si mwene Yerubayali+, Zebuli na we akaba icariho ciwe? Pfume mukorera abantu ba Hamori se wa Shekemu. Kuki twokorera Abimeleki? 29 Ese iyaba ari jewe ntwara aba bantu! Nokuyeho Abimeleki.» Aca abwira Abimeleki ati: «Gwiza ingabo zawe uheze uze turwane.»

30 Zebuli umukuru w’igisagara yumvise amajambo ya Gayali mwene Ebedi, aca arashavura cane. 31 Atuma rero intumwa kuri Abimeleki mu mpisho* ati: «Gayali mwene Ebedi na benewabo bari ng’aha i Shekemu, kandi bariko baragumura ababa mu gisagara ngo bakurwanye. 32 Uze guhengera mw’ijoro wewe n’abantu bawe, mwinyegeze inyuma y’igisagara. 33 Hanyuma mu gitondo izuba rigiseruka, muze muve aho muri mutere igisagara. Gayali n’abantu biwe nibasohoka kukurwanya, uzoce ukora uko ushoboye kwose umutsinde*.»

34 Nuko Abimeleki n’abantu biwe bose bahengera mw’ijoro maze bigabura mu migwi ine, binyegeza inyuma y’igisagara ca Shekemu ngo bagitere. 35 Gayali mwene Ebedi asohotse agahagarara kw’irembo ry’igisagara, Abimeleki n’abantu biwe baca baranyeguruka. 36 Gayali ngo ababone, aca abwira Zebuli ati: «Ehe bariya bantu bariko baramanuka bavuye hejuru mu misozi.» Mugabo Zebuli amwishura ati: «Wewe ubona ibitutu vy’imisozi ukagira ngo ni abantu?»

37 Haciye akanya, Gayali avuga ati: «Ehe abantu bariko bamanuka bazanana mu karere ko hagati, kandi umugwi umwe uzananye inzira yo ku giti kinini ca Meyonenimu.» 38 Zebuli aca amwishura ati: «Kwa kwiyemera kwawe kuri hehe none? Ntiwamye uvuga ngo “Abimeleki abaye nde ngo tumukorere+?” Aba si ba bantu wagaya? Genda rero ubarwanye.»

39 Nuko Gayali aja imbere abatware b’i Shekemu, arwana na Abimeleki. 40 Abimeleki amwirukako ku buryo Gayali ata agahunga. Abantu benshi baricwa gushika kw’irembo ry’igisagara.

41 Abimeleki abandanya kuba i Aruma, Zebuli+ na we yirukana Gayali na benewabo i Shekemu. 42 Ku musi ukurikira, abantu baja hanze y’igisagara maze Abimeleki arabimenya. 43 Aca afata abantu biwe abagabura mu migwi itatu hanyuma binyegeza inyuma y’igisagara. Abonye abantu bariko bava mu gisagara, aca arabatera arabica. 44 Abimeleki n’abari kumwe na we baca bihutira kuja kw’irembo ry’igisagara, ya migwi ibiri na yo itera abari inyuma y’igisagara bose, irabica. 45 Abimeleki arwana n’abo muri ico gisagara uwo musi wose gushika agifashe. Yica abaho bose, igisagara na co agisiturira hasi+, araheza akirundamwo umunyu.

46 Ba batware bose b’umunara w’i Shekemu bakimara kuvyumva, baca baja mu cumba co mu kuzimu* c’urusengero* rwa Eli-Beriti+. 47 Abimeleki akimenya yuko abatware b’umunara w’i Shekemu bose bakoraniye hamwe, 48 aca adugana n’abari kumwe na we ku musozi Zalumoni. Atora ishoka aca ishami ry’igiti, aryiremeka ku rutugu. Maze abwira abari kumwe na we ati: «Murabonye ivyo nkoze? Namwe rero nimunyarutse mugire nkanje!» 49 Abari kumwe na Abimeleki bose baca amashami, baramukurikira. Baca bashira ayo mashami kuri ca cumba co mu kuzimu, bagiha umuriro. Abari muri uwo munara w’i Shekemu bose barapfa. Bari nk’abagabo n’abagore 1.000.

50 Nuko Abimeleki aja i Tebezi, akambika hafi y’ico gisagara kugira agitere maze aragifata. 51 Abagabo n’abagore bose n’abatware b’ico gisagara bose baca bahungira mu munara ukomeye wari hagati muri co. Biyugaranirayo maze burira hejuru kuri wo*. 52 Abimeleki aja kuri nya munara arahatera. Aca yegera ku bwinjiriro bwawo kugira awuturire. 53 Maze umugore umwe akororera ingasiro* ku mutwe wa Abimeleki, amumena agahanga+. 54 Abimeleki aca ahamagara ningoga uwari amutwaje ibirwanisho, amubwira ati: «Sokora inkota yawe umpohoshe, kugira ntibaze bavuge ko umugore ari we yanyishe.» Nya muntu aca amucumita inkota, arapfa.

55 Abisirayeli babonye ko Abimeleki apfuye, bose baca barataha. 56 Imana iba yishuye Abimeleki ikibi yakoreye se mu kwica benewabo 70+. 57 Abagabo b’i Shekemu na bo nyene, Imana igarukana ku gatwe kabo ikibi cose bakoze. Wa muvumo wa Yotamu+ mwene Yerubayali+ urabafata.

10 Abimeleki amaze gupfa, Tola mwene Puwa, Puwa mwene Dodo, umugabo wo mu muryango wa Isakari, aba umucamanza wo gukiza Isirayeli+. Yaba i Shamiri mu karere k’imisozi ka Efurayimu. 2 Amara imyaka 23 ari umucamanza muri Isirayeli. Hanyuma arapfa maze bamuhamba i Shamiri.

3 Inyuma yiwe haza Yayiri Umunyagileyadi, amara imyaka 22 ari umucamanza muri Isirayeli. 4 Yari afise abahungu 30 bagendera ku ndogobwa 30. Bari bafise ibisagara 30 mu karere ka Gileyadi, bikaba vyitwa Havoti-Yayiri+ gushika n’uyu musi. 5 Yayiri araheza arapfa, bamuhamba i Kamoni.

6 Maze Abisirayeli bongera gukora ivyo Yehova abona ko ari bibi+. Batangura gusenga* za Bayali+, ibishusho vya Ashitoreti, imana z’i Aramu*, iz’i Sidoni, iz’i Mowabu+, iz’Abamoni+ n’iz’Abafilisitiya+. Baheba Yehova, ntibaba bakimukorera. 7 Yehova aca arashavurira cane Abisirayeli, abatanga* ku Bafilisitiya no ku Bamoni+. 8 Muri uwo mwaka bakandamiza Abisirayeli, barabacinyiza bimwe bikomeye. Bamara imyaka 18 bacinyiza Abisirayeli bose baba mu karere ka Gileyadi, ku ruhande rwa Yorodani rwahoze ari urw’Abamori. 9 Abamoni kandi baza barajabuka Yorodani kugira batere abo mu muryango wa Yuda, uwa Benyamini n’uwa Efurayimu. Abisirayeli bahabonera amarushwa menshi. 10 Maze Abisirayeli batabaza Yehova+ bati: «Twaragucumuyeko kuko twaguhevye wewe Mana yacu, dusenga za Bayali+.»

11 Mugabo Yehova abwira Abisirayeli ati: «Mbega sinabakijije Abanyamisiri+, Abamori+, Abamoni, Abafilisitiya+, 12 Abanyasidoni, Abamaleki n’Abamidiyani igihe babacinyiza? Ntimwandiriye nanje nkababakiza? 13 Mugabo mwarampevye, musenga izindi mana+. Ni co gituma ntazokwongera kubakiza+. 14 Genda mutabaze imana mwatoye+, zibe ari zo zibakiza amarushwa murimwo+.» 15 Mugabo Abisirayeli babwira Yehova bati: «Twaracumuye. Nutugire uko ushaka, ariko turagusavye udukize uyu musi.» 16 Nuko Abisirayeli bakuraho imana z’inyamahanga bari bafise, basubira gukorera Yehova+ ku buryo vyanka ko yihanganira imibabaro yabo*+.

17 Mu nyuma Abamoni+ barakorana, bashinga ikambi i Gileyadi. Abisirayeli na bo bakoranira hamwe, bashinga ikambi i Mizipa. 18 Abantu b’i Gileyadi n’abatware baho babwirana bati: «Ni nde atuja imbere mu kurwanya Abamoni+? Nace aba umukuru w’ababa i Gileyadi bose.»

11 Yefuta+ Umunyagileyadi yari umurwanyi w’intwari. Se yitwa Gileyadi, akaba yamuvyaranye n’umumaraya. 2 Mugabo umugore wa Gileyadi na we nyene amuvyarira abahungu. Abo bahungu bamaze gukura baca bomora Yefuta, bamubwira bati: «Nta co uzotorana mu rugo rwa dawe, kuko uvuka ku wundi mugore.» 3 Yefuta aca ahunga benewabo aja kuba i Tobu. Maze abagabo batagira ico bakora bifatanya na Yefuta, aba indongozi yabo.

4 Haciye igihe, Abamoni batera Abisirayeli+. 5 Abashingantahe b’i Gileyadi babonye ko Abamoni bateye Abisirayeli, ubwo nyene baca baja kurondera Yefuta i Tobu. 6 Bamubwira bati: «Ingo utubere umukomanda, kugira turwanye Abamoni.» 7 Mugabo Yefuta abwira abashingantahe b’i Gileyadi ati: «Si mwe mwanyanse mukanyomora mu rugo rwa dawe+? Kubera iki none muje kundondera ubu muri mu marushwa?» 8 Abo bashingantahe baca babwira Yefuta bati: «Ni co gitumye tugaruka iwawe. Niwajana natwe kurwanya Abamoni, uca uba umukuru* w’ababa i Gileyadi bose+.» 9 Yefuta na we abishura ati: «Nimwangarukana kugira ndwanye Abamoni, kandi Yehova akamfasha kubatsinda, nzoheza mbe umukuru wanyu.» 10 Abashingantahe b’i Gileyadi bamwishura bati: «Yehova azotubere icabona* nitutabigira nk’uko ubivuze.» 11 Yefuta rero ajana n’abashingantahe b’i Gileyadi maze abantu bamugira umukuru wabo n’umukomanda wabo. Nuko ivyo Yefuta yari yavuze vyose abisubiramwo imbere ya Yehova i Mizipa+.

12 Maze Yefuta atuma intumwa ku mwami w’Abamoni+ ati: «Dupfa iki* ko uje gutera igihugu canje?» 13 Umwami w’Abamoni aca yishura izo ntumwa za Yefuta ati: «Nje kugutera kubera ko igihe Abisirayeli bava mu Misiri batwaye igihugu canje+, kuva ku ruzi Arunoni+ gushika ku ruzi Yaboki no kuri Yorodani+. Nuhansubize rero ku neza.» 14 Mugabo Yefuta yongera gutuma intumwa ku mwami w’Abamoni 15 ngo bamubwire bati:

«Yefuta avuze ati: “Abisirayeli nta gihugu c’Abanyamowabu+ n’ic’Abamoni batwaye+, 16 kuko igihe bava mu Misiri, baciye mu bugaragwa gushika ku kiyaga Gitukura+ babona gushika i Kadeshi+. 17 Maze Abisirayeli batuma intumwa ku mwami wa Edomu+ bati: ‘Turagusavye utureke duce mu gihugu cawe.’ Ariko umwami wa Edomu aranka. Batuma n’intumwa ku mwami wa Mowabu+, ariko ntiyemera. Abisirayeli baca baguma i Kadeshi+. 18 Igihe bashishikara urugendo mu bugaragwa, barazungurutse igihugu ca Edomu+ n’ica Mowabu. Baciye mu buseruko bwa Mowabu+ maze bakambika mu karere ka Arunoni. Ntibarenze urubibe rwa Mowabu+, kuko uruzi Arunoni rwari rwo rubibe.

19 Inyuma y’aho, Abisirayeli barungika intumwa kuri Sihoni umwami w’Abamori yaganza i Heshiboni bati: ‘Turagusavye utureke duce mu gihugu cawe kugira tubandanye iyo turiko turaja+.’ 20 Mugabo Sihoni ntiyemera ko Abisirayeli bashaka kurengana gusa mu karere kiwe. Akoranya rero ingabo ziwe zose maze akambika i Yahazi atera Abisirayeli+. 21 Yehova Imana ya Isirayeli aca afasha Abisirayeli gutsinda Sihoni n’ingabo ziwe zose, barabanesha. Abisirayeli baraheza bigarurira ahantu hose Abamori baba muri ako karere+. 22 Ukwo ni ko bigaruriye akarere kose k’Abamori, guhera kuri Arunoni gushika kuri Yaboki no guhera mu bugaragwa gushika kuri Yorodani+.

23 Yehova Imana y’Abisirayeli ni we yomoye Abamori ngo babise abantu biwe+. None ugomba kubomora? 24 Mbega ivyo imana yawe Kemoshi+ iguhaye ntibica biba rwawe? Natwe uwo wese Yehova Imana yacu yomoye ngo atubise, ni we twomora+. 25 None wewe uruta Balaki+ mwene Zipori, umwami wa Mowabu? Yoba yarigeze agiranira amatati n’Abisirayeli canke ngo abarwanye? 26 Ko Abisirayeli bamaze imyaka 300 baba i Heshiboni no mu dusagara tuhegukira*+, n’i Aroweri no mu dusagara tuhegukira, no mu bisagara vyose biri ku nkombe za Arunoni, kubera iki utigeze ugerageza kuhagaruza muri ico gihe+? 27 Jewe nta kibi nagukoreye, yamara wewe ugize nabi kuza kuntera. Yehova Umucamanza+ naruce hagati y’Abisirayeli n’Abamoni.”»

28 Mugabo umwami w’Abamoni yirengagiza ivyo Yefuta yamutumyeko.

29 Nuko impwemu ya Yehova iza kuri Yefuta+, maze aca mu karere ka Gileyadi n’aka Manase yerekeza i Mizipa* h’i Gileyadi+. Hanyuma ava aho i Mizipa aguma agenda gushika ku Bamoni.

30 Maze Yefuta araganira+ Yehova ati: «Niwamfasha gutsinda Abamoni 31 nkagaruka amahoro mvuye kurwana na bo, uwuzova mu nzu yanje aje kunsanganira azoba uwa Yehova+. Nzomutanga nk’ishikanwa riturirwa+.»

32 Nuko Yefuta aja kurwana n’Abamoni, maze Yehova aramufasha kubatsinda. 33 Arabica inganda ziratikira, kuva i Aroweri gushika i Miniti, atsinda ibisagara 20. Arabandanya gushika i Abeli-Keramimu. Gutyo Abisirayeli banesha Abamoni.

34 Amaherezo Yefuta ashika muhira iwe i Mizipa+. Aza abona umukobwa wiwe asohotse kumusanganira avuza akagoma yongera atamba. Ni we mwana wenyene yari afise. Nta wundi yari afise, yaba umuhungu canke umukobwa. 35 Amukubise ijisho aca yitaburirako impuzu, avuga ati: «Yoo, ewe mukobwa wanje urambabaje*, kuko uwo nemeye gutanga abaye wewe! Narabisezeraniye* Yehova, sinshobora rero kwisubirako+.»

36 Mugabo umukobwa wiwe amubwira ati: «Da, ko wabisezeraniye Yehova, nungire nk’uko wabisezeranye+, kuko Yehova yagufashije kwihora abansi bawe b’Abamoni.» 37 Abandanya kubwira se ati: «Ndagusavye iki kintu: nkundira nje mu misozi mareyo amezi abiri ndi jenyene, ndirire ubusugi bwanje ndi kumwe n’abagenzi banje b’abakobwa*.»

38 Amwishura ati: «Genda.» Nuko aramurungika ajana n’abagenzi biwe mu misozi, amarayo amezi abiri aririra ubusugi bwiwe. 39 Amezi abiri aheze, agaruka kwa se hanyuma se ashitsa ivyo yaraganye ku bijanye n’umukobwa wiwe+. Uwo mukobwa ntiyigeze aryamana n’umugabo. Nuko ibi biba umugenzo* muri Isirayeli: 40 ku mwaka ku mwaka, abigeme bo muri Isirayeli baragenda gukeza umukobwa wa Yefuta Umunyagileyadi, imisi ine mu mwaka.

12 Abagabo b’i Efurayimu bakoranira hamwe, maze bajabuka baja i Zafoni*. Babwira Yefuta bati: «Kubera iki utadutumyeko ngo tujane kurwanya Abamoni+? Tugira tuguturirane n’inzu yawe.» 2 Mugabo Yefuta ababwira ati: «Twe n’abantu banje twari mu ntambara ikomeye n’Abamoni. Narabasavye muze kumfasha, mugabo ntimwaza kuntabara. 3 Aho mboneye ko mutaje kuntabara, naciye niheba* nja kurwanya Abamoni+, kandi Yehova yaramfashije kubatsinda. Kubera iki none uyu musi muje kundwanya?»

4 Yefuta aca akoranya abagabo bose b’i Gileyadi+ maze barwana n’Abefurayimu. Abagabo b’i Gileyadi banesha Abefurayimu kandi bahora babasuzugura ngo: «Mwebwe Abagileyadi muri akagwi gusa k’impunzi zo muri Efurayimu, naho muba mu karere ka Efurayimu n’aka Manase.» 5 Abagabo b’i Gileyadi batanga Abefurayimu gushika ku vyambu vya Yorodani+. Umwefurayimu ariko arahunga avuze ati: «Nimundeke njabuke», abagabo b’i Gileyadi baca bamubaza bati: «Uri Umwefurayimu?» Avuze ko atari we, 6 baca bamubwira bati: «Turagusavye uvuge ngo Shiboleti.» Ariko we yaca avuga ngo «Siboleti», kuko atashobora kuvuga neza iryo jambo. Baca bamufata bakamwicira aho ku vyambu vya Yorodani. Uwo musi hapfa Abefurayimu 42.000.

7 Yefuta Umunyagileyadi yamaze imyaka itandatu ari umucamanza muri Isirayeli. Hanyuma arapfa, bamuhamba mu gisagara yabamwo i Gileyadi.

8 Inyuma yiwe, Ibuzani w’i Betelehemu aba umucamanza muri Isirayeli+. 9 Yari afise abahungu 30 n’abakobwa 30. Abakobwa biwe abarungika kurongorwa mu yindi miryango, abahungu biwe na bo abasabira abageni 30 mu yindi miryango. Yamaze imyaka indwi ari umucamanza muri Isirayeli. 10 Maze Ibuzani arapfa, bamuhamba i Betelehemu.

11 Inyuma yiwe, Eloni Umuzabuloni aba umucamanza muri Isirayeli mu kiringo c’imyaka cumi. 12 Maze Eloni Umuzabuloni arapfa, bamuhamba i Ayaloni mu karere ka Zabuloni.

13 Inyuma yiwe, Abudoni mwene Hileli w’i Piratoni aba umucamanza muri Isirayeli. 14 Yari afise abahungu 40 n’abuzukuru 30 bagendera ku ndogobwa 70. Amara imyaka umunani ari umucamanza muri Isirayeli. 15 Maze Abudoni mwene Hileli w’i Piratoni arapfa, bamuhamba i Piratoni mu karere ka Efurayimu, ku musozi w’Abamaleki+.

13 Abisirayeli bongera gukora ivyo Yehova abona ko ari bibi+, maze Yehova abatanga ku Bafilisitiya+. Bamara imyaka 40 babaganza.

2 Ico gihe hariho umugabo yitwa Manowa+ wo mu muryango wa Dani+ yaba i Zora+. Umugore wiwe yari ingumba, nta mwana yari afise+. 3 Umusi umwe, umumarayika wa Yehova abonekera uwo mugore, amubwira ati: «Umve, naho uri ingumba ukaba utagira umwana, uzosama inda uvyare umuhungu+. 4 Uririnda rero ntuze unywe umuvinyu canke inzoga+ n’imwe, kandi ntuze urye ikintu na kimwe gihumanye+. 5 Uzosama inda uvyare umuhungu. Umushatsi wiwe ntuze wigere umobwa+, kuko azoba Umunaziri* w’Imana kuva akivuka*. Kandi azoba indongozi yo gukiza Abisirayeli agahahazo k’Abafilisitiya+.»

6 Nya mugore aca aragenda, abwira umugabo wiwe ati: «Hari umuntu w’Imana y’ukuri yaje aho ndi. Yari afise ishusho itangaje cane, yasa n’umumarayika w’Imana y’ukuri. Sinamubajije iyo ava, kandi ntiyambwiye uko yitwa+. 7 Mugabo yambwiye ati: “Umve, uzosama inda uvyare umuhungu. Ntuze unywe umuvinyu canke inzoga n’imwe, kandi ntuze urye ikintu na kimwe gihumanye. Kuko uwo mwana azoba Umunaziri w’Imana kuva akivuka* gushika arinde apfa.”»

8 Manowa aca yinginga Yehova ati: «Ntunga Yehova. Wa muntu w’Imana y’ukuri uhejeje gutuma, ndakwinginze agaruke kugira atumenyeshe ingene tuzorera uwo mwana tugiye kuronka.» 9 Imana y’ukuri rero yumviriza Manowa, maze wa mumarayika w’Imana y’ukuri asubira kubonekera wa mugore. Yari yicaye inyuma y’igisagara, umugabo wiwe Manowa batari kumwe. 10 Nya mugore aca yiruka kubimenyesha umugabo wiwe ati: «Wa mugabo yamvugisha wa musi arasubiye kunyiyereka+.»

11 Manowa aca arahaguruka ajana n’umugore wiwe. Ashitse aho nya muntu ari, amubaza ati: «Yoba ari wewe wavuganye n’umugore wanje?» Na we ati: «Ni jewe.» 12 Manowa aca amubwira ati: «Ivyo wavuze nibibe nk’uko nyene wabivuze. None uwo mwana tuzomurera gute+? Azokora iki?» 13 Umumarayika wa Yehova amwishura ati: «Umugore wawe aze yirinde ivyo namubwiye vyose+. 14 Ntaze arye ikintu na kimwe kiva ku mizabibu, ntaze anywe umuvinyu canke inzoga+ n’imwe, kandi ntaze arye ikintu na kimwe gihumanye+. Aze yubahirize ivyo namutegetse vyose.»

15 Manowa aca abwira uwo mumarayika wa Yehova ati: «Turagusavye urindire tugutegurire umwagazi w’impene+.» 16 Mugabo nya mumarayika wa Yehova amubwira ati: «Naho norindira, imfungurwa zawe ntazo ndya. Mugabo nimba ushaka guha Yehova ishikanwa riturirwa, rimuhe.» Manowa ntiyari azi ko ari umumarayika wa Yehova. 17 Maze Manowa abwira uwo mumarayika wa Yehova ati: «Wotubwira uko witwa+ kugira tuzogutere iteka ivyo wavuze nivyaba?» 18 Ariko nya mumarayika wa Yehova amubwira ati: «Kubera iki umbaza izina ryanje n’ukuntu ari iry’agatangaza?»

19 Manowa afata rero wa mwagazi w’impene n’ishikanwa ry’intete, abishikanira Yehova ku gitandara. Imana ica ikora ikintu c’agatangaza, Manowa n’umugore wiwe barorera. 20 Urubeya ruriko ruraduga mw’ijuru ruvuye ku gicaniro, nya mumarayika wa Yehova aca arudugamwo Manowa n’umugore wiwe barorera. Baca barunama, mu maso habo hashika hasi. 21 Nya mumarayika wa Yehova ntiyasubiye kubonekera Manowa n’umugore wiwe. Manowa aca amenya ko yari umumarayika wa Yehova+. 22 Maze Manowa abwira umugore wiwe ati: «Turapfa ata kabuza, kuko twabonye Imana+.» 23 Mugabo umugore wiwe amubwira ati: «Iyaba Yehova yagomba kutwica, ntaba yemeye ishikanwa riturirwa+ n’ishikanwa ry’intete twamuhaye. Ntaba yatweretse birya bintu vyose, canke ngo atubwire ibintu biraho.»

24 Haciye igihe, nya mugore avyara umuhungu maze amwita Samusoni+. Abandanya gukura, Yehova na we aguma amuhezagira. 25 Mu nyuma impwemu ya Yehova itangura kumukoresha+ i Mahane-Dani+, hagati y’i Zora n’i Eshitayoli+.

14 Maze Samusoni amanuka i Timuna, ahabona umukobwa w’Umufilisitiyakazi*. 2 Aca aduga kubimenyesha se na nyina, ababwira ati: «Hari umukobwa w’Umufilisitiyakazi nashimye i Timuna. Nagomba rero mumunsabire ambere umugore.» 3 Mugabo se na nyina bamubwira bati: «Mbega mu ncuti zacu no mw’ihanga ryacu ryose, wabuze umukobwa woshima+ muko uja kurondera umugore mu Bafilisitiya batagenyerewe*?» Ariko Samusoni abwira se ati: «Numunsabire kuko mbona ko ari we abereye.» 4 Se na nyina ntibari bazi ko ivyo vyari bivuye kuri Yehova. Yarondera akaryo ko gutera Abafilisitiya, kuko ico gihe ari bo baganza Abisirayeli+.

5 Samusoni amanukana rero na se na nyina i Timuna. Ashitse ku mirima y’imizabibu y’i Timuna, aza abona intambwe* iriko iraroha iza iyo ari. 6 Maze impwemu ya Yehova imuha inkomezi+, ku buryo iyo ntambwe ayitaburamwo kubiri nka kurya umuntu atabura umwagazi w’impene akoresheje amaboko gusa. Ariko ntiyabwira se canke nyina ivyo yakoze. 7 Samusoni aca aramanuka avugana na wa Mufilisitiyakazi. N’ico gihe nyene aguma abona ko uwo mukobwa ari we abereye+.

8 Mu nyuma, asubirayo kumutora ngo amuzane mu rugo iwe+. Ari ku nzira, akebereza ahari umuvyimba wa ya ntambwe, asanga mu gikankara cayo harimwo ikigwi c’inzuki n’ubuki. 9 Aca abuhakurira mu biganza vyiwe, agenda araburya. Ashikiriye se na nyina, arabahako ngo barye, mugabo ntiyababwira ko yabuhakuye mu gikankara c’intambwe.

10 Nuko se wa Samusoni amanuka kuraba wa mukobwa, Samusoni aca agirirayo umusi mukuru. Ukwo ni ko imisore yakunda kugira. 11 Bamubonye, baca bamuzanira abasore 30 bo kumugendanira. 12 Samusoni ababwira ati: «Ngomba ndabapfinde agapfindo. Nimwambwira ico gasobanura mu misi indwi uru rubanza ruzomara, nzobaha impuzu nziza zera 30 n’iyindi myambaro 30. 13 Mugabo nimutambwira ico gasobanura, ni mwe muzoca mumpa impuzu nziza zera 30 n’iyindi myambaro 30.» Na bo bamwishura bati: «Tubwire ako gapfindo tukumve.» 14 Araheza ababwira ati:

«Mu kiryanyi havuyemwo ico kurya,

mu gikomeye havamwo igisosa+.»

Bamara imisi itatu barondera insobanuro y’ako gapfindo, ariko barabura. 15 Ku musi ugira kane, babwira umugore* wa Samusoni bati: «Henda umugabo wawe+ atubwire ico ako gapfindo gasobanura. Ahandiho, mwe n’abo mu rugo rwa so turabaturira. Mbega mwadutumiye aha kugira mudusahure utwacu?» 16 Uwo mugore aca aja kuririra Samusoni, amubwira ati: «Bwa bundi uranyanka, ntunkunda+. Wapfinze agapfindo ab’iwacu, ariko ntiwambwira ico gasobanura.» Na we amwishura ati: «Erega na dawe na mawe sinababwiye ico gasobanura. None abe ari wewe ndabibwira?» 17 Mugabo aguma amuririra mu kiringo cose urwo rubanza rw’imisi indwi rwari rusigaje. Vyakabaye kera, ku musi ugira indwi Samusoni arabimubwira, kuko yari amurembeje. Nya mugore aca abwira ab’iwabo insobanuro ya ka gapfindo+. 18 Nuko ku musi ugira indwi, izuba ritararenga*, abagabo bo muri ico gisagara babwira Samusoni bati:

«Hari igisosa kurusha ubuki?

Canke hari igikomeye kurusha intambwe+?»

Abishura ati:

«Iyo mutarimisha inyana yanje*+,

ntimwari gutora ico agapfindo kanje gasobanura.»

19 Hanyuma impwemu ya Yehova imuha inkomezi+ maze amanuka i Ashikeloni+, yicayo abagabo 30. Aca atora impuzu zabo aziha bamwe bapfindura ka gapfindo+. Araheza asubira kwa se ishavu rigera i mutwe.

20 Nayo umugore wa Samusoni+ bamuha umwe muri ba basore bamugendanira+.

15 Haciye igihe, mu misi y’iyimbura ry’ingano, Samusoni aja kuramutsa umugore wiwe yitwaje umwagazi w’impene. Avuga ati: «Nshaka kuja kuraba umugore wanje mu cumba ciwe.» Mugabo se wa nya mugore ntiyamwemerera kwinjirayo. 2 Abwira Samusoni ati: «Nibwiye ko umwanka+, nca ndamuha umwe muri ba basore bakugendanira+. None mutoyi wiwe si we mwiza kumurusha? Ndagusavye abe ari we utwara.» 3 Samusoni aca avuga ati: «Ubu hoho Abafilisitiya ntibazontako umwikomo ninabagirira nabi.»

4 Nuko Samusoni aragenda, afata imbwebwe 300. Azibohanya imirizo zibirizibiri, hagati ya nya mirizo agenda arashiramwo ikimuri. 5 Aca adomeka nya bimuri, maze arekurira izo mbwebwe mu mirima y’ingano* y’Abafilisitiya. Aturira ivyariyo vyose: uri imiganda, uri ingano batarimbura, uri imirima y’imizabibu n’iy’imyelayo.

6 Maze Abafilisitiya babaza bati: «Ibi ni nde yabikoze?» Bababwira bati: «Ni Samusoni umukwe wa wa mugabo w’i Timuna. Yafashe umugore wa Samusoni amuha umwe muri ba basore bamugendanira+.» Abafilisitiya baca baragenda, baturira uwo mugore na se wiwe+. 7 Samusoni aca ababwira ati: «Ko mugize ukwo, nzoruhuka ari uko ndabihoye+.» 8 Nuko atangura kubica arabasasika*, inganda ziratikira. Maze aramanuka, aja kuba mw’isenga ry’urutare rwitwa Etamu.

9 Mu nyuma, Abafilisitiya baduga mu Buyuda bahashinga ikambi, batangura kunyuragira i Lehi+. 10 Maze abagabo bo mu muryango wa Yuda bababaza bati: «Kubera iki muje kudutera?» Babishura bati: «Tuzanywe no gufata* Samusoni kugira tumwishure ivyo yatugiriye.» 11 Abagabo 3.000 bo muryango wa Yuda baca bamanuka kuri rya senga ry’urutare rwitwa Etamu, babwira Samusoni bati: «Ntuzi ko Abafilisitiya ari bo batuganza+? Kubera iki wadukwegeye?» Na we abishura ati: «Nabagiriye nk’uko bangiriye.» 12 Mugabo bamubwira bati: «Tuje kugufata* kugira tugutange ku Bafilisitiya.» Samusoni aca ababwira ati: «Nimundahire yuko mwebwe ubwanyu mutaza kungirira nabi.» 13 Bamwishura bati: «Oya, turakuboha gusa tugutange ku Bafilisitiya, ariko ntitukwica.»

Nuko bamubohesha imigozi ibiri mishasha maze bamukura muri nya rutare. 14 Ashitse i Lehi, Abafilisitiya bakoma akaruru k’intsinzi bamubonye. Impwemu ya Yehova ica imuha inkomezi+, maze nya migozi bari bamubohesheje amaboko iba nk’inyuzi zibabuwe n’umuriro. Ivyo bari bamubohesheje bica bikorokera hasi+. 15 Aca abona umubangabanga utaruma w’indogobwa y’ingabo, atuma ukuboko arawutora, maze awicisha abagabo 1.000+. 16 Maze Samusoni avuga ati:

«Nkoresheje umubangabanga w’indogobwa, narunze ikirundo kimwe, ibirundo bibiri!

Nkoresheje umubangabanga w’indogobwa, nishe abagabo 1.000+.»

17 Ahejeje kuvuga ivyo, aca ata wa mubangabanga. Aho hantu aca ahita Ramati-Lehi*+. 18 Arahava aranyoterwa cane, aca atakambira Yehova ati: «Ni wewe wampaye iyi ntsinzi ikomeye. None ugira undeke nicwe n’inyota, ngwe mu maboko y’abantu batagenyerewe?» 19 Imana ica isatura ikinogo cari i Lehi, gica gitangura kuvamwo amazi+. Nuko Samusoni arayanywa maze agarura agatege, arahembuka. Ni co gituma aho hantu yahise Eni-Hakore*. Haracariho i Lehi gushika n’uyu musi.

20 Yamaze imyaka 20 ari umucamanza muri Isirayeli mu gihe c’Abafilisitiya+.

16 Igihe kimwe Samusoni aja i Gaza, abonayo umumaraya, araheza yinjira iwe. 2 Abantu b’i Gaza bumva ko Samusoni yaje muri ico gisagara. Baramukikuza, bamara ijoro ryose bamubundiye mw’irembo ry’igisagara, badakoma. Bibwira bati: «Bukimara guca, duca tumwica.»

3 Ariko Samusoni aguma aryamye gushika mu gicugu. Maze aravyuka afata imiryango y’irembo ry’igisagara n’ibikingi vyaryo bibiri, abirandurana n’icugazo. Abishira ku bitugu, aca abidugana kw’isonga ry’umusozi urabana n’i Heburoni.

4 Mu nyuma akunda umukobwa yitwa Delila+ yaba mu kiyaya* ca Soreki. 5 Maze abatware b’Abafilisitiya baza iwe, bamubwira bati: «Muhende*+ kugira umenye aho akura izo nkomezi nyinshi afise, n’ingene twomurusha inguvu, tukamuboha tukamunesha. Niwabigira, umwe wese muri twebwe azoguha ifeza 1.100.»

6 Mu nyuma Delila abwira Samusoni ati: «Ndagusavye umbwire: izo nkomezi nyinshi ufise uzikura hehe? Mbega umuntu yokubohesha iki kugira akuneshe?» 7 Samusoni amwishura ati: «Hamwe bombohesha imirya* indwi mishasha itaruma, inkomezi zanje zoca zigabanuka, nkamera nk’abandi bose.» 8 Ba batware b’Abafilisitiya bamuzanira rero imirya indwi mishasha itaruma, aca arayimubohesha. 9 Hari abari binyegeje mu cumba. Maze Delila amubwira ati: «Samusoni, ngwaho Abafilisitiya!» Aca acagagura nya mirya, nk’aho umengo ni inyuzi* zibabuwe n’umuriro+. Ntibamenya aho akura inkomezi.

10 Maze Delila abwira Samusoni ati: «Warampenze* umbwira ibinyoma. Ndagusavye umbwire ico bokubohesha.» 11 Amwishura ati: «Hamwe bombohesha imigozi mishasha itarakoreshwa na rimwe, inkomezi zanje zoca zigabanuka nkamera nk’abandi bose.» 12 Delila afata rero imigozi mishasha arayimubohesha maze amubwira ati: «Samusoni, ngwaho Abafilisitiya!» (Muri uwo mwanya hari abari binyegeje mu cumba.) Aca acagagura imigozi bari bamubohesheje amaboko nk’uwucagagura inyuzi+.

13 Inyuma y’ivyo, Delila abwira Samusoni ati: «Gushika ubu uguma umpenda umbwira ibinyoma+. Mbwira ico bokubohesha.» Samusoni aca amubwira ati: «Ufashe ibi bitsibo indwi vy’umushatsi wanje ukabijisha ukoresheje inyuzi zo kujisha impuzu*, vyokunda.» 14 Arabijisha rero, aca abifatisha urumambo bakoresha mu kujisha, hanyuma amubwira ati: «Samusoni, ngwaho Abafilisitiya!» Aca arikangura maze ashingura rwa rumambo, na za nyuzi birajana.

15 Nuko Delila amubwira ati: «Ushobora gute kuvuga ko unkunda+ kandi utarampa umutima wawe? Warampenze izi ncuro zitatu zose, ntiwambwira aho inkomezi zawe nyinshi ziva+.» 16 Samusoni arateba araremerwa ku mutima bimwe vyo gupfa, kubera ko imisi yose Delila yaguma amugobera, akamubuza amahoro+. 17 Amaherezo aramwugurukira, amubwira ati: «Sindigera mobwa kubera ko ndi Umunaziri w’Imana kuva nkivuka*+. Hamwe nomobwa, inkomezi zanje zoca zimvako, nkagira inguvu nk’iz’abandi bose.»

18 Delila abonye ko yamwugurukiye, ubwo nyene aca atumako ba batware b’Abafilisitiya+ ati: «Nimuze kuko ubu hoho yanyugurukiye.» Nya batware baca baraza, bamuzaniye na ya mahera. 19 Nuko amusinziririza ku bibero vyiwe, maze ahamagara umugabo umwe kugira amumwe vya bitsibo indwi vy’umushatsi. Delila asigara amubasha kuko inkomezi ziwe zariko zimuvako. 20 Avuga rero ati: «Samusoni, ngwaho Abafilisitiya!» Samusoni aca arikangura, avuga ati: «Ndagira nk’uko nsanzwe ngira+, nigobotore.» Mugabo ntiyari azi ko Yehova atari akiri kumwe na we. 21 Nuko Abafilisitiya baramufata, bamunogora amaso. Baraheza bamumanukana i Gaza, bamubohesha amapingu abiri y’umujumpu. Bamugira uwusya intete mw’ibohero. 22 Ariko umushatsi wiwe usubira gukura inyuma y’aho bamumwereye+.

23 Ba batware b’Abafilisitiya bakoranira hamwe kugira bashikanire ikimazi gikomeye imana yabo Dagoni+ no kugira ngo bagire umusi mukuru, kuko bavuga bati: «Imana yacu yaradufashije gutsinda umwansi wacu Samusoni!» 24 Abantu bamubonye, bashemeza imana yabo bati: «Imana yacu yaradufashije gutsinda umwansi wacu yatikije igihugu cacu+, akatumarira n’abacu+.»

25 Kubera ko bari baryohewe, bavuga bati: «Nimuhamagare Samusoni abe aratunezereza.» Bamukura rero mw’ibohero kugira ngo abe arabanezereza, bamuhagarika hagati y’inkingi. 26 Maze Samusoni abwira umuhungu yari amufashe ukuboko ati: «Ndeka nkore ku nkingi zifashe iyi nyubakwa ndazishimikize.» 27 (Iyo nyubakwa yari yuzuye abagabo n’abagore. Abatware b’Abafilisitiya bose ni ho bari. Ku gisenge hari abagabo n’abagore nka 3.000 bariko barorera Samusoni banezerewe.)

28 Nuko Samusoni+ atakambira Yehova ati: «Mukama Segaba Yehova, ndakwinginze unyibuke, umpe inkomezi+ iri rimwe gusa, ewe Mana. Mfasha nihore Abafilisitiya, mpore n’imiburiburi ijisho ryanje rimwe+.»

29 Maze Samusoni yifadikiza za nkingi zibiri zo hagati zari zifashe ya nyubakwa. Imwe ayifatisha ukuryo, iyindi ukubamfu. 30 Samusoni asemerera ati: «Reka mpfane n’Abafilisitiya!» Aca asunika izo nkingi n’inguvu ziwe zose, ya nyubakwa igwa kuri ba batware no ku bantu bose bari muri yo+. Kuri uwo musi Samusoni apfa, yica benshi kuruta abo yishe akiriho+.

31 Mu nyuma benewabo be n’abo mu muryango wa se bose bamanuka kumutora. Baja kumuhamba aho se Manowa+ yahambwe, hagati y’i Zora+ n’i Eshitayoli. Samusoni yari amaze imyaka 20 ari umucamanza muri Isirayeli+.

17 Hari umugabo yitwa Mika yaba mu karere k’imisozi ka Efurayimu+. 2 Umusi umwe abwira nyina wiwe ati: «Za feza 1.100 wabura ukavuma uwazitwaye numva, ni je ndazifise. Ni je nari nazitwaye.» Nyina aca amubwira ati: «Yehova aguhezagire mwana.» 3 Nuko asubiza nyina izo feza 1.100. Mugabo nyina amubwira ati: «Izi feza ntegerezwa kuziha* Yehova. Nshaka ko uzikoresha mu guhingura igishusho c’ikibazano n’igishusho gikoze mu cuma*+. Ngira ndazigusubize.»

4 Aca azisubiza nyina wiwe, maze nyina akuramwo ifeza 200 aziha umucuzi w’ifeza. Uwo mucuzi akora igishusho c’ikibazano n’igishusho gikoze mu cuma*, maze babishira mu nzu ya Mika. 5 Uwo mugabo Mika yari afise inzu y’ibigirwamana. Nuko akora impuzu yitwa efodi+ n’ibigirwamana vy’umuryango*+, aca agena* umwe mu bahungu biwe ngo amubere umuherezi+. 6 Muri iyo misi nta mwami yariho muri Isirayeli+. Umwe wese yakora ivyo abona* ko bigororotse+.

7 Hari umusore yaba i Betelehemu+ mu Buyuda, akaba yava mu muryango wa Yuda*. Yari Umulewi+ amaze igihe gito abayo. 8 Nuko uwo musore ava mu gisagara ca Betelehemu mu Buyuda, aja kurondera aho yoba. Aragenda ashika ku rugo rwa Mika, mu karere k’imisozi ka Efurayimu+. 9 Maze Mika amubwira ati: «Uva he?» Amwishura ati: «Ndi Umulewi w’i Betelehemu mu Buyuda. Ndiko ndondera aho noba.» 10 Mika amubwira rero ati: «Niwigumire aha iwanje, umbere umujanama* n’umuherezi. Nzoza ndaguha ifeza cumi ku mwaka, n’umwambaro w’impuzu n’ivyo ufungura.» Uwo Mulewi aca arinjira mu nzu. 11 Uwo Mulewi aremera kubana n’uwo mugabo, aba nk’umwe mu bahungu biwe. 12 Mika agena* uwo Mulewi ngo amubere umuherezi+, araheza yibera mu rugo rwa Mika. 13 Mika aca avuga ati: «Ubu ndazi ko Yehova azongirira neza, kuko mfise umuherezi w’Umulewi.»

18 Muri iyo misi, nta mwami yariho muri Isirayeli+. Kandi muri iyo misi, abo mu muryango wa Dani+ bariko barondera aho boba*, kuko gushika ico gihe batari bwigarurire aho batoranye mu miryango ya Isirayeli+.

2 Abadani batuma abagabo batanu b’intwari ngo baje gusuma urusaku* mu gihugu, barabe n’uko kimeze. Abo bagabo bari abo mu muryango wa Dani, bakaba baba i Zora n’i Eshitayoli+. Bababwira bati: «Nimugende murabe uko igihugu kimeze.» Bashitse mu karere k’imisozi ka Efurayimu, baka indaro ku rugo rwa Mika+. 3 Igihe bashika hafi y’urugo rwa Mika, baciye bamenya ijwi rya wa musore* w’Umulewi, bakeberezayo. Bamubaza bati: «Ni nde yakuzanye ino? Uhakora iki? Kubera iki wagumye hano?» 4 Abishura ati: «Mika yangiriye gutya na gutya, ampa n’akazi ko kumubera umuherezi+.» 5 Maze bamubwira bati: «Turagusavye utubarize Imana, tumenye ko urugendo rwacu ruzogenda neza.» 6 Nya muherezi abishura ati: «Nimugende amahoro. Yehova ari kumwe namwe mu rugendo rwanyu.»

7 Abo bagabo batanu rero barabandanya bashika i Layishi+. Basanga abantu baho babayeho nk’Abanyasidoni, batazera inze. Bari batekanye, ata co bicura+ kandi nta wutwaza umukazo yatera ico gihugu ngo abahungabanye. Baba kure y’Abanyasidoni kandi nta migenderanire bagirana n’abandi bantu.

8 Bagarutse i Zora n’i Eshitayoli+ kuri benewabo, bababaza bati: «Vyagenze gute?» 9 Na bo bishura bati: «Nimuze tuje kubatera kuko twabonye ari ahantu heza cane. Yaco mwijijanya imitima. Nimunyarutse muje kuhigarurira. 10 Nimwashikayo muzosanga hari abantu ata co bicura+, kandi ni akarere kagutse. Imana yahabahaye. Mu biri kw’isi vyose, nta na kimwe kibuzeyo+.»

11 Nuko abagabo 600 b’Abadani biteguriye urugamba bava i Zora n’i Eshitayoli bajayo+. 12 Baraduga, bakambika hafi y’i Kiriyati-Yeyarimu+ mu Buyuda. Ni co gituma gushika n’uyu musi aho hantu bahita Mahane-Dani*+. Haherereye mu burengero bwa Kiriyati-Yeyarimu. 13 Baca bava ng’aho baja mu karere k’imisozi ka Efurayimu, bashika kwa Mika+.

14 Maze ba bagabo batanu bari bagiye gusuma urusaku i Layishi+ babwira benewabo bati: «Mwari muzi yuko muri aya mazu hari efodi, ibigirwamana vy’umuryango*, igishusho c’ikibazano n’igishusho gikoze mu cuma*+? Ca muraba uko mubigenza.» 15 Baca barahagarara, maze baja kwa Mika aho wa musore w’Umulewi+ yaba, bamubaza amakuru yiwe. 16 Muri uwo mwanya, ba bagabo 600 b’Abadani+ biteguriye urugamba, bari bahagaze kw’irembo. 17 Ba bagabo batanu bari bagiye gusuma urusaku i Layishi+ binjira gutora ca gishusho c’ikibazano, ya efodi+, vya bigirwamana vy’umuryango*+ na ca gishusho gikoze mu cuma*+. (Wa muherezi+ yari ahagararanye na ba bagabo 600 kw’irembo.) 18 Binjiye kwa Mika bagatora ca gishusho c’ikibazano, ya efodi, vya bigirwamana vy’umuryango* na ca gishusho gikoze mu cuma*, nya muherezi ababaza ati: «Ivyo mugira ni ibiki?» 19 Bamwishura bati: «Hora, ntusubire gukurako umunwa. Ingo tujane utubere umujanama* n’umuherezi. Mbega woshima kuba umuherezi w’urugo rw’umuntu umwe+? Canke woshima kuba umuherezi w’umuryango wa Isirayeli ugizwe n’ingo nyinshi+?» 20 Nya muherezi arabishima, aca afata ya efodi na vya bigirwamana vy’umuryango* na ca gishusho c’ikibazano+, ajana na bo.

21 Maze babandanya urugendo. Imbere hari abana, ibitungwa n’ibintu vyabo vy’agaciro. 22 Bamaze kugenda ahatari hato bavuye kwa Mika, ababanyi ba Mika baca barashwabaduka biruka guhamvya Abadani. 23 Basemerera bahamagara Abadani, na bo baca barahindukira babaza Mika bati: «Ni amaki ko mwasidukanye n’iyonka?» 24 Aca abishura ati: «Mwatwaye imana zanje nihinguriye, n’umuherezi murajana. Mwumva hari ico nsigaranye? Hanyuma ngo ni amaki?» 25 Abadani basubizayo bati: «Ntimusubire kuturenza urwamo, ahandiho abagabo bishavuriye* bohava babasimbirako, maze wewe n’abo mu rugo rwawe mukahasiga ubuzima.» 26 Abadani baca baribandaniriza. Mika na we abonye ko bamurusha inkomezi, aca asubira iwe.

27 Bamaze gutwara ivyo Mika yahinguye bagatwara na wa muherezi yamukorera, baja i Layishi+, ahaba abantu batekanye ata co bicura+. Abaho babicisha inkota, igisagara na co bagiha umuriro. 28 Nta n’umwe yaje kubatabara kuko ico gisagara cari kure y’i Sidoni kandi nta migenderanire bari bafitaniye n’abandi bantu. Ico gisagara cari mu kiyaya cegukira Beti-Rehobu+. Nuko bongera kucubaka, bakibamwo. 29 Ico gisagara baraheza bacita Dani+, bafatiye kw’izina rya sekuruza wabo Dani mwene Isirayeli+. Ariko cahora citwa Layishi+. 30 Inyuma y’aho, Abadani bahashinga ca gishusho c’ikibazano+. Yonatani+ n’abahungu biwe baba abaherezi b’umuryango w’Abadani gushika umusi ababa muri ico gihugu bajanwa mu bunyagano. Yonatani yari mwene Gerushomu+, Gerushomu wa Musa. 31 Ico gishusho Mika yari yarahinguye bakigumizaho mu kiringo cose ihema ry’Imana* y’ukuri ryamaze riri i Shilo+.

19 Muri iyo misi nta mwami yariho muri Isirayeli+. Umulewi umwe yaba mu karere k’imisozi ka Efurayimu+, mu gace kari iyo catawe, atora umugore w’i Betelehemu+ mu Buyuda amugira incoreke yiwe. 2 Mugabo nya mugore w’incoreke aza aramuca inyuma akaja gusambana. Arahava ata umugabo yigira kwa se i Betelehemu mu Buyuda, amarayo amezi ane. 3 Umugabo wiwe aca aja kumurondera kugira amuhendahende agaruke mu rugo. Ajana n’umusuku wiwe n’indogobwa zibiri. Maze nya mugore amwinjiza mu nzu kwa se. Se abonye uwo mugabo, aranezerwa. 4 Nuko yumvisha umukwe wiwe ko akwiye kuhaguma imisi itatu, na we aremera. Bararya, bakanywa, agaca arara aho.

5 Ku musi ugira kane, bazindutse kare mu gitondo ngo bagende, se wa nya mugore abwira umukwe wiwe ati: «Banza utamire akantu kugira uronke utuguvu*, mubone kugenda.» 6 Bompi baca baricara, bararya baranywa. Mu nyuma se wa wa mugore abwira umukwe wiwe ati: «Ndagusavye urare, uryoherwe*.» 7 Nya mugabo ahagurutse ngo agende, sebukwe aguma amwinginga, yongera kurara.

8 Ku musi ugira gatanu, avyutse kare mu gitondo ngo agende, se wa nya mugore amubwira ati: «Ndagusavye ubanze utamire akantu kugira uronke utuguvu*.» Bigumira ng’aho gushika umusi ugeze kure. Bompi babandanya kwirira. 9 Nya mugabo ahagurutse ngo agende, we n’incoreke yiwe n’umusuku wiwe, sebukwe amubwira ati: «Ehe bugira bwire. Ndagusavye urare umusi uragiye. Rara ng’aha uryoherwe. Ejo muzoheza muzinduke mufate urugendo, witahire iwawe*.» 10 Ariko nya mugabo ntiyemera gusubira kurara. Arahaguruka afata urugendo ashika i Yebusi, ari ho Yeruzalemu+. Yari kumwe na ya ncoreke yiwe n’umusuku wiwe na za ndogobwa zibiri ziriko ivyo bicarako.

11 Bwari butanguye kugoroba igihe bashika hafi y’i Yebusi. Wa musuku abwira shebuja ati: «Ntitwohagarara muri iki gisagara c’Abayebusi tukaharara?» 12 Mugabo shebuja amwishura ati: «Oya, ntitwohagarara mu gisagara c’abanyamahanga kitabamwo Abisirayeli. Reka tubandanye gushika i Gibeya+.» 13 Yongera kubwira umusuku wiwe ati: «Reka turabe ko twoshika i Gibeya canke i Rama+, abe ari ho turara.» 14 Babandanya urugendo, maze bashika hafi y’i Gibeya mu karere ka Benyamini izuba ririko rirarenga.

15 Nuko binjira mu gisagara ca Gibeya kugira barareyo. Bashitseyo, bicara mu kibanza rusangi c’ico gisagara, ariko ntihagira n’umwe abaha indaro+. 16 Amaherezo ku mugoroba, haza umutama avuye mu murima. Yava mu karere k’imisozi ka Efurayimu+, akaba yari amaze igihe aba i Gibeya. Mugabo ababa muri ico gisagara bari Ababenyamini+. 17 Wa mutama agize atya, abona mu kibanza rusangi c’igisagara wa mugabo yari ku rugendo. Amubaza ati: «Uva he ukaja he?» 18 Amwishura ati: «Tuvuye i Betelehemu mu Buyuda, tukaba turiko tuja mu karere k’imisozi ka Efurayimu mu gace kari iyo catawe. Aho ni ho mva. Nari nagiye i Betelehemu mu Buyuda+, ubu rero nkaba ndiko ndaja ku nzu ya Yehova*, mugabo nabuze uwumpa indaro. 19 Turafise ubwatsi bukwiye bw’indogobwa zacu n’indya zazo+. Turafise n’umukate+ be n’umuvinyu jewe n’uyu mugore n’umusuku wacu twofungura. Nta co tubuze.» 20 Ariko nya mutama amubwira ati: «Humura*, ivyo ukenera vyose ndabikuronsa, ariko nturare muri iki kibanza rusangi.» 21 Nuko amujana iwe, agaburira na za ndogobwa. Maze boga ibirenge, batangura kurya no kunywa.

22 Bakiriko bararyoherwa, abagabo bamwe b’imburakimazi bo muri ico gisagara bakikuza iyo nzu, batangura gukubitagura ku muryango. Baguma babwira uwo mutama nyene inzu bati: «Sohora uwo mugabo yaje iwawe turyamane+.» 23 Nyene inzu aca arasohoka ababwira ati: «Oya benewacu, ntimukore ikibi. Uyu mugabo ni umushitsi wanje. Ntimukore ico kintu c’agaterasoni. 24 Ng’uyu umukobwa wanje w’isugi n’incoreke y’uyu mugabo. Reka ndabasohore mubagirire nabi nimba ari vyo mushaka*+. Ariko uyu mugabo ntimumukorere ico kintu c’agaterasoni.»

25 Ariko abo bagabo banka kumwumviriza. Wa mugabo aca afata incoreke yiwe+, ayisohora hanze iyo bari. Uwo mugore bamufata ku nguvu, bamara ijoro ryose bamwonona gushika mu gitondo, baca bamurungika mu mutwenzi. 26 Hakiri kare mu gitondo, wa mugore araza agwa imbere y’umuryango w’inzu ya wa mutama, aho umugabo wiwe* yari. Aguma arambaraye ng’aho gushika bukeye. 27 Umugabo wiwe* avyutse mu gitondo akugurura imiryango y’inzu kugira abandanye urugendo, abona ya ncoreke yiwe irambaraye imbere y’umuryango, amaboko ari mu bwinjiriro. 28 Amubwira ati: «Haguruka tugende.» Mugabo ntiyamwishura. Nya mugabo aca amushira ku ndogobwa, afata akayira aja iwe.

29 Ageze iwe atora ikibugita, atemagura ya ncoreke yiwe ingingo ku yindi, ayicamwo ibihimba 12. Mu karere kamwekamwe kose ka Isirayeli, arungikayo igihimba kimwe. 30 Uwubibonye wese yaca avuga ati: «Ikintu nk’iki nticari bwigere kibaho canke kiboneka kuva Abisirayeli bavuye mu gihugu ca Misiri gushika n’uyu musi. Nimubirabe*, muje inama+, mutubwire ico twokora.»

20 Nuko Abisirayeli bose, kuva mu karere ka Dani+ gushika i Beri-Sheba no mu karere ka Gileyadi+, baraza maze ishengero ryose rikoranira hamwe* imbere ya Yehova i Mizipa+. 2 Abatware na bo nyene, ari bo bakuru b’imiryango ya Isirayeli, bari mw’ishengero ry’abantu b’Imana. Hari abasoda 400.000 barwanisha inkota+.

3 Ababenyamini bumva ko Abisirayeli bari baduze i Mizipa.

Maze Abisirayeli babaza bati: «Tubwire: vyagenze gute ngo habe ico kintu c’agahomerabunwa+?» 4 Wa Mulewi+, ni ukuvuga umugabo wa wa mugore yicwa, yishura ati: «Twe n’incoreke yanje, twashitse i Gibeya+ mu karere ka Benyamini kugira tuharare. 5 Nuko mw’ijoro ababa* i Gibeya barampagurukira, bakikuza inzu narimwo. Ni je bashaka kwica, mugabo baciye bafata ku nguvu incoreke yanje maze arapfa+. 6 Naciye ndamufata ndamukatagura, ibihimba vyiwe ndabirungika mu turere twose twa Isirayeli+. Nabigize kuko bakoze ikintu c’akamaramaza kandi giteye isoni muri Isirayeli. 7 None rero yemwe Bisirayeli mwese muri ng’aha, nimugire ico mubivuzeko n’ico muhanuye+.»

8 Abantu bose bavira hasi rimwe*, bavuga bati: «Nta n’umwe muri twebwe asubira kw’ihema ryiwe canke muhira iwe. 9 Ng’iki rero ico tugiye gukorera igisagara ca Gibeya: turaduga kugitera dukurikije ubupfindo+. 10 Mu miryango yose ya Isirayeli, mu bantu 100 dutore 10, mu bantu 1.000 dutore 100, mu bantu 10.000 dutore 1.000, baronderere impamba abasoda. Abo basoda bazoheza baje gutera i Gibeya mu karere ka Benyamini kubera ikintu c’agaterasoni bakoze muri Isirayeli.» 11 Abisirayeli bose rero baja hamwe*, bagira urunani kugira batere ico gisagara.

12 Nuko abo mu miryango ya Isirayeli barungika intumwa ku Babenyamini bose ngo bababwire bati: «Ico kintu c’agahomerabunwa cabereye iwanyu ni igiki? 13 Turabasavye rero mutange abo bagabo b’imburakimazi b’i Gibeya+ tubice, kugira dukure ikibi muri Isirayeli+.» Ariko Ababenyamini banka kwumviriza Abisirayeli benewabo.

14 Maze Ababenyamini bava mu bisagara vyabo bakoranira i Gibeya, kugira batane mu mitwe n’abandi Bisirayeli. 15 Kuri uwo musi Ababenyamini begeranya abagabo 26.000 barwanisha inkota babakuye mu bisagara vyabo. Baza biyongera ku bagabo 700 b’abahizi b’i Gibeya. 16 Muri abo basoda harimwo abagabo 700 b’abahizi bakoresha ibamfu. Umwe wese muri bo yari azi gutera amabuye akoresheje umugozi akagema, ku buryo n’agashatsi atagahusha.

17 Abisirayeli bose, ukuyemwo Ababenyamini, bakoranya abagabo 400.000 barwanisha inkota+ kandi umwe wese muri bo yari amenyereye urugamba. 18 Barahaguruka, baduga i Beteli guhanuza Imana+. Babaza rero bati: «Ni nde azotuja imbere mu kurwanya Ababenyamini?» Yehova yishura ati: «Umuryango wa Yuda ni wo uzobaja imbere.»

19 Maze Abisirayeli bahaguruka mu gitondo, bakambika hafi y’i Gibeya ngo bahatere.

20 Abisirayeli rero baragenda batonda urugamba kugira barwane n’Ababenyamini i Gibeya. 21 Ababenyamini na bo bava mu gisagara ca Gibeya. Kuri uwo musi, bica Abisirayeli 22.000. 22 Ariko ingabo z’Abisirayeli zigira umutima rugabo, zisubira gutonda urugamba hamwe zari zatonze ubwa mbere. 23 Maze Abisirayeli baduga i Beteli, baririra imbere ya Yehova gushika ku mugoroba. Babaza Yehova bati: «Dusubire gutera Ababenyamini benewacu+?» Yehova aca abishura ati: «Genda mubatere.»

24 Ku musi ugira kabiri, Abisirayeli baja gutera Ababenyamini. 25 Ababenyamini baca bava i Gibeya kugira batane mu mitwe na bo kuri uwo musi ugira kabiri. Bica abandi Bisirayeli 18.000+ barwanisha inkota. 26 Abisirayeli bose baca baduga kuririra i Beteli, bicara imbere ya Yehova+. Uwo musi wose barisonzesha+ gushika ku mugoroba, bashikana imbere ya Yehova amashikanwa aturirwa+ n’amashikanwa yo gusangira*+. 27 Inyuma y’ivyo, Abisirayeli bahanuza Yehova+, kuko isandugu y’isezerano ry’Imana y’ukuri ari ho yari iri muri iyo misi. 28 Ico gihe Finehasi+ mwene Eleyazari, Eleyazari wa Aroni, ni we yakorera* imbere y’iyo sandugu. Nuko babaza bati: «Dusubire kandi kuja gutera Ababenyamini benewacu, canke tureke+?» Yehova yishura ati: «Muzoje kubatera, kuko ejo nzobafasha kubatsinda.» 29 Abisirayeli baca barungika abagabo bo kwinyegeza+ irya n’ino y’igisagara ca Gibeya.

30 Ku musi ugira gatatu, Abisirayeli baduga kurwanya Ababenyamini. Batonda urugamba kugira batere igisagara ca Gibeya nk’uko babigize ku yindi misi+. 31 Ababenyamini basohotse gutana mu mitwe n’Abisirayeli, Abisirayeli babajana kure y’igisagara+. Maze nk’uko vyari vyagenze ku yindi misi, Ababenyamini batangura gutera Abisirayeli no kwicira bamwe muri bo mu mabarabara makurumakuru. Rimwe muri yo ryaduga i Beteli, irindi rikaja i Gibeya. Bicira inyuma y’igisagara Abisirayeli nka 30+. 32 Ababenyamini baca batangura kwibwira bati: «Tugira dusubire kubatsinda nk’ubwa mbere+.» Mugabo Abisirayeli bo bavuga bati: «Duhunge, tubajane kure y’igisagara, tubashikane ku mabarabara makurumakuru.» 33 Abisirayeli bose baca bava iyo bari, batonda urugamba i Bayali-Tamari. Nayo bamwe bari banyegeye mu micungararo ya Gibeya baranyeguruka. 34 Abagabo b’abahizi 10.000 bo muri Isirayeli yose bashika aharabana n’i Gibeya, urugamba rurakomera. Ariko Ababenyamini ntibari bazi ko bagiye gushikirwa n’ivyago.

35 Yehova afasha Abisirayeli gutsinda Ababenyamini+. Kuri uwo musi bica Ababenyamini 25.100 barwanisha inkota+.

36 Ariko igihe Ababenyamini babona Abisirayeli bahunze, biyumviriye ko baza kubatsinda+. Mugabo Abisirayeli bari bahunze kubera ko bari bizigiye abasoda babo bari banyegeye ngo batere i Gibeya+. 37 Bamwe bari banyegeye, banyaruka kuhatera. Baca bakwira hose muri ico gisagara, abaho bose babicisha inkota.

38 Abisirayeli bari bavuganye n’abari binyegeje hafi y’igisagara ko bagezeyo bohaturiye, umwotsi ukababera ikimenyetso.

39 Igihe Abisirayeli bahunga mu rugamba, Ababenyamini baciye batangura kubatera, bica nk’abagabo 30+. Bibwira bati: «Aha tugira dusubire kubatsinda nk’ubuheruka+.» 40 Ariko inkingi y’umwotsi itangura kuduga ivuye mu gisagara. Cari ca kimenyetso Abisirayeli bahana. Ababenyamini baravye inyuma, babona igisagara cose kiriko kirasha, imbeya ziduga mu kirere. 41 Abisirayeli baca bahindukirira Ababenyamini. Ababenyamini bicwa n’ubwoba kuko babona ko kababanye. 42 Batangura guhunga Abisirayeli berekeza mu bugaragwa mugabo urugamba ruguma rubakurikira. Haza abagabo bavuye mu bisagara bitandukanye, bifatanya n’Abisirayeli mu kwica Ababenyamini. 43 Batangira Ababenyamini impande zose, baguma babirukako. Babaneshereza* neza na neza imbere y’igisagara ca Gibeya, amaja mu buseruko. 44 Amaherezo hapfa Ababenyamini 18.000. Bose bari abarwanyi b’intwari+.

45 Ababenyamini babandanya guhunga berekeza mu bugaragwa ku rutare rwa Rimoni+. Abisirayeli bicira* mu mabarabara makurumakuru abagabo 5.000 muri bo. Baguma babakurikira gushika i Gidomu, bica abandi 2.000. 46 Ababenyamini bose bapfuye kuri uwo musi bari abarwanyi 25.000 b’intwari barwanisha inkota+. 47 Mugabo abagabo 600 bahungira mu bugaragwa ku rutare rwa Rimoni, bahamara amezi ane.

48 Maze Abisirayeli bagaruka gutera Ababenyamini bari basigaye. Bicisha inkota abantu bose bari mu bisagara n’ibitungwa vyose vyari bisigayeyo. Ibisagara vyose bacako, bagenda babihaye umuriro.

21 Igihe abagabo b’Abisirayeli bari i Mizipa+, barahiye bati: «Nta n’umwe muri twebwe azoha umukobwa wiwe Umubenyamini ngo amubere umugore+.» 2 Nuko Abisirayeli baja i Beteli+, bicara ng’aho imbere y’Imana y’ukuri gushika ku mugoroba. Bararira baraboroga bimwe bikomeye. 3 Barira bavuga ngo: «Ewe Yehova Mana ya Isirayeli, kubera iki ibi vyashitse muri Isirayeli? Kubera iki umuryango umwe wozimangana uyu musi muri Isirayeli?» 4 Ku musi ukurikira, abantu bavyuka kare bahubaka igicaniro ngo bashikanire Imana amashikanwa aturirwa n’ayo gusangira+.

5 Maze Abisirayeli bavuga bati: «Mu miryango yose ya Isirayeli ni nde ataje gukoranira imbere ya Yehova?» Kuko bari barahiye indahiro ikomeye, y’uko uwutazoza imbere ya Yehova i Mizipa ategerezwa kwicwa. 6 Abisirayeli batuntuzwa n’ivyari vyashikiye Ababenyamini benewabo. Bavuga bati: «Uyu musi umuryango umwe uraranduwe muri Isirayeli. 7 Dukore iki ngo Ababenyamini basigaye tubaronse abagore, ko twarahiye Yehova+ yuko ata mukobwa wacu n’umwe tuzogenda tubahaye+?»

8 Babazanya bati: «Mu miryango ya Isirayeli ni bande bataje imbere ya Yehova i Mizipa+?» Basanga mu b’i Yabeshi-Gileyadi nta n’umwe yaje aho ishengero ryari ryakoraniye. 9 Nkako, igihe bariko baraharura abantu, babonye mu baba i Yabeshi-Gileyadi ata n’umwe ahari. 10 Ishengero rica ritora abagabo 12.000 mu bagabo bakomeye kuruta abandi, ribarungikayo. Babategeka bati: «Gende mwicishe inkota ababa i Yabeshi-Gileyadi, mudasize inyuma abagore n’abana+. 11 Muze mwice umugabo wese n’umugore wese amaze kuryamana n’umugabo.» 12 Mu baba i Yabeshi-Gileyadi basangamwo abakobwa 400 b’isugi batarigera baryamana n’umugabo. Baca babazana aho bakambitse i Shilo+ mu gihugu ca Kanani.

13 Maze ishengero ryose rirungikira ubutumwa bw’amahoro Ababenyamini bari ku rutare rwa Rimoni+. 14 Abo Babenyamini baraheza baragaruka. Maze Abisirayeli babaha ba bigeme batishe igihe bica abagore b’i Yabeshi-Gileyadi+. Mugabo ntibabaronkeye abakwiye. 15 Abantu batuntuzwa n’ivyari vyashikiye Ababenyamini+, kuko Yehova yari yatumye imiryango ya Isirayeli icanamwo. 16 Abashingantahe bo muri iryo shengero bavuga bati: «Dukore iki ngo Ababenyamini basigaye tubaronse abagore, ko mu muryango wabo abagore bahonye?» 17 Bongerako bati: «Ababenyamini barokotse bakwiye kugumana intoranwa yabo kugira ngo ntihagire umuryango uzimangana muri Isirayeli. 18 Mugabo ntitwemerewe kubaha abakobwa bacu ngo bababere abagore, kuko Abisirayeli barahiye bati: “Aravumwe uwuzoha Umubenyamini umugore+.”»

19 Baca bavuga bati: «Buri mwaka haraba umusi mukuru wa Yehova i Shilo+, ahaherereye mu buraruko bwa Beteli no mu buseruko bw’ibarabara rikuru riva i Beteli riduga i Shekemu, no mu bumanuko bwa Lebona.» 20 Nuko bategeka Ababenyamini bati: «Nimugende mwinyegeze mu mirima y’imizabibu. 21 Nimwabona abakobwa b’i Shilo basohotse gutambira hamwe mu mizingi, muzoce munyeguruka muri ya mirima y’imizabibu hanyuma umwe wese acakire muri bo uwomubera umugore. Muzoheze musubire mu karere ka Benyamini. 22 Ba se canke basaza babo nibaza kutwitwarira, tuzoca tubabwira duti: “Nimutugirire imbabazi ku bw’abo Babenyamini, kubera ko umwe wese tutamuronkeye umugore biciye ku ntambara+. Kandi na mwebwe ntimwari kubaha abagore ngo mugende mudaharuweko ikosa+.”»

23 Ababenyamini bagira gutyo, umwumwe wese atwara umugore mu bakobwa bariko baratamba. Baraheza basubira aho batoranye bongera kwubaka ibisagara vyabo+, babibamwo.

24 Maze ico gihe Abisirayeli bava ng’aho, baratandukana, umwe wese asubira mu muryango avamwo no ku rugo iwe. Bava ng’aho baragenda, umwe wese asubira aho yatoranye.

25 Muri iyo misi nta mwami yariho muri Isirayeli+. Umwe wese yakora ivyo abona* ko bigororotse.

Canke «natanze ico gihugu mu kuboko kwabo.»

Mu giheburayo havuga ngo «nahawe biciye ku bupfindo.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «aca akoma amashi yicaye ku ndogobwa kugira asabe ijambo.»

Canke «muri Negebu.»

Iryo zina risobanura ngo «ahantu hateze amazi.»

Ni igisagara ca Yeriko.

Iryo zina risobanura ngo «gutikiza.»

Mu giheburayo havuga ngo «imikogote y’ivyuma.»

Canke «gutata.»

Canke «tuzokwishura urukundo rudahemuka (rudahera).»

Canke «tuhakikuje.»

Mu giheburayo havuga ngo «ukuboko kw’inzu ya Yozefu kumaze kuremera.»

Iryo zina risobanura ngo «abantu barira.»

Mu giheburayo havuga ngo «iryo yaruka ryose.»

Mu giheburayo havuga ngo «baryama hamwe na ba sekuruza.»

Canke «bakorera.»

Mu giheburayo havuga ngo «gukorera.»

Mu giheburayo havuga ngo «abagurisha.»

Mu giheburayo havuga ngo «ukuboko kwa Yehova kwarabarwanya.»

Canke «bakorana ubumaraya n’izindi mana.» Raba Insiguro y’amajambo (Umumaraya).

Canke «kubera yicuza.»

Canke «gushika ku bwinjiriro bwa Hamati.»

Raba Insiguro y’amajambo.

Mu giheburayo havuga ngo «abagurisha.»

Mu giheburayo havuga ngo «Aramu-Naharayimu.»

Mu giheburayo havuga ngo «bakorera.»

Mu giheburayo havuga ngo «Aramu.»

Mu giheburayo havuga ngo «mu karuhuko.»

Ni igisagara ca Yeriko.

Canke «ikibuguro.» Raba Insiguro y’amajambo (Ikibuguro).

Yari intambwe y’ukuboko uciriye mu nkokora. Ishobora kuba yari intambwe ngufi ingana na santimetero nka 38. Raba Inyongera ya B14.

Mu giheburayo havuga ngo «arungika.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «ahantu bimba amabuye (ikariyeri).»

Mu giheburayo havuga ngo «nimucereze.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «mu mwenge munini ucamwo umuyaga.»

Mu giheburayo havuga ngo «apfuka ibirenge vyiwe.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «ahantu bimba amabuye (ikariyeri).»

Mu giheburayo havuga ngo «mu karuhuko.»

Canke «umuhunda.» Ni inkoni yari ikwikiyeko icuma gisongoye. Bayikoresha mu kuyobora inka ziriko zirarima.

Mu giheburayo havuga ngo «abagurisha.»

Canke «Harosheti h’amahanga, Harosheti-ha-Goyimu.»

Canke «Sisera.»

Mu giheburayo havuga ngo «imikogote y’ivyuma.»

Bisobanura ko yamenyesha abantu ingingo zivuye ku Mana.

Canke «urungike ingabo zawe.»

Canke «ku mwonga.»

Mu giheburayo havuga ngo «imikogote 900 y’ivyuma.»

Canke «ku mwonga.»

Mu giheburayo havuga ngo «imbere y’inkota ya Baraki.»

Urumambo ni igiti canke icuma gisongoye bashinga mu kuzimu kugira bafatisheko ikintu kanaka.

Ni ukuvuga «haruguru y’umusaya.»

Bishoboka ko cari ikimenyetso c’uko bihebeye Imana canke ko hari ico bayisezeraniye.

Canke «ncurarangire.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «yanyiganyize.»

Canke «ntibari bakiboneka.»

Mu giheburayo havuga ngo «mpagurutse.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «abakoresha ibikoresho vy’umwanditsi.»

Canke «imeri.» Imeri ni ubwato bunini.

Canke «iruhande y’ahantu amato ashikira.»

Canke «bakengereye.»

Canke «umugezi.»

Mu giheburayo havuga ngo «igitereko.»

Mu giheburayo havuga ngo «mu karuhuko.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «barondera ububiko bwo mu kuzimu.»

Mu giheburayo havuga ngo «mu nzu y’ubushumba.»

Mu giheburayo havuga ngo «ntimwumvirije ijwi ryanje.»

Mu giheburayo havuga ngo «igihumbi canje.» Ni ukuvuga umugwi w’abantu 1.000.

Mu giheburayo havuga ngo «nimba rero nashimwe mu maso yawe.»

Ni nk’amalitiro 22. Raba Inyongera ya B14.

Mu giheburayo havuga ngo «gira amahoro.»

Iryo zina risobanura ngo «Yehova ni amahoro.»

Raba Insiguro y’amajambo.

Iryo zina risobanura ngo «Bayali niyiburanire (niyirwanire).»

Mu giheburayo havuga ngo «itwikira.»

Cari ikibanza kiri mu murima bakubitirako ivyimburwa vy’intete.

Mu giheburayo havuga ngo «ukuboko kwanje ni kwo kwankijije.»

Mu giheburayo havuga ngo «amaboko yawe arakomera.»

Ni umukate ukozwe muri sayiri. Sayiri ni ubwoko bw’ingano.

Iryo terama ryatangura nko kuva isaha zine z’ijoro gushika isaha umunani.

Mu giheburayo havuga ngo «iryo jambo.»

Mu giheburayo havuga ngo «umukate.»

Ni ibimera bifise amahwa.

Canke «uko umugabo ari, ni ko n’inkomezi ziwe ziri.»

Shekeli imwe yangana n’amagarama 11,4. Raba Inyongera ya B14.

Ni ibara risa n’ibitore bita ibiringanya (oberjine).

Raba Insiguro y’amajambo.

Canke «bakora ubumaraya.» Raba Insiguro y’amajambo (Umumaraya).

Mu giheburayo havuga ngo «ntibasubira kuduza umutwe.»

Mu giheburayo havuga ngo «mu karuhuko.»

Mu giheburayo havuga ngo «yari afise abahungu 70 bavuye mw’itako ryiwe.»

Canke «gukora ubumaraya.»

Canke «nta n’urukundo rudahemuka (rudahera) beretse.»

Mu giheburayo havuga ngo «umuryango wose w’inzu ya se wa nyina.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «bene amatongo.»

Mu giheburayo havuga ngo «ndi igufa ryanyu n’umubiri wanyu.»

Mu giheburayo havuga ngo «umutima wabo uhengamira kuri Abimeleki.»

Mu giheburayo havuga ngo «inzu.»

Raba Insiguro y’amajambo (Kurobanura).

Ico giti cama imyelayo (olive).

Canke «umusesekara wanje.»

Canke «yigira umutware kuri Isirayeli.»

Mu giheburayo havuga ngo «irungika impwemu mbi.»

Ashobora kuba ari Zebuli, icariho ca Abimeleki i Shekemu.

Canke «ku rwenge.»

Canke «uze umugirire ico ukuboko kwawe gushoboye.»

Canke «mu kibanza gikomeye.»

Mu giheburayo havuga ngo «inzu.»

Amazu menshi yari afise igisenge gishashe. Bahakorera ibikorwa bitandukanye.

Ni ibuye bakoresha mu gusya.

Mu giheburayo havuga ngo «gukorera.»

Canke «Siriya.»

Mu giheburayo havuga ngo «abagurisha.»

Canke «ku buryo umutima wiwe utaba ucihangana kubera imibabaro yabo.»

Mu giheburayo havuga ngo «umutwe.»

Mu giheburayo havuga ngo «Yehova niyumvirize hagati yacu.»

Mu giheburayo havuga ngo «jewe nawe dusangiye iki.»

Canke «tuhakikuje.»

Mu giheburayo havuga ngo «Mizipe.» Iyo ni iyindi nyandiko.

Mu giheburayo havuga ngo «utumye manuka hasi.»

Mu giheburayo havuga ngo «narateranuriye akanwa.»

Canke «ndirane n’abagenzi banje kuko ntazokwigera ndongorwa.»

Canke «itegeko.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «bajabuka berekeza mu buraruko.»

Canke «nshira ubuzima bwanje mu kaga.»

Raba Insiguro y’amajambo.

Mu giheburayo havuga ngo «kuva mu nda.»

Mu giheburayo havuga ngo «kuva mu nda.»

Mu giheburayo havuga ngo «umugore wo mu bakobwa b’Abafilisitiya.»

Kugenyera hari abavyita «gusiramura» canke «gukebwa.» Raba Insiguro y’amajambo (Kugenyera).

Canke «intambwe y’umukangara ifise ivyoya kw’izosi.»

Mu mico y’Abaheburayo, abareshanije bafatwa nk’umugabo n’umugore.

Hashobora kandi kuvugwa ngo «imbere y’uko yinjira mu cumba.»

Ni ukuvuga ko bahendahenze umugore wiwe.

Mu giheburayo havuga ngo «intete.»

Canke «arabagerekeranya.»

Canke «kuboha.»

Canke «kukuboha.»

Iryo zina risobanura ngo «agasozi k’umubangabanga.»

Iryo zina risobanura ngo «isôko ry’uwutabaza.»

Canke «umwonga.»

Canke «muryosharyoshe.»

Canke «imvuto.» Uruvuto ni umugozi wo ku muheto.

Canke «ubugwegwe.»

Canke «warankinye.»

Mu giheburayo havuga ngo «inyuzi z’indamvu.» Raba Insiguro y’amajambo (Inyuzi z’indamvu n’iz’insobanya).

Mu giheburayo havuga ngo «kuva mu nda ya mawe.»

Canke «kuzeza ndazihe.»

Canke «mu cuma bashongesheje.»

Canke «mu cuma bashongesheje.»

Mu giheburayo ni «terafimu.» Raba Insiguro y’amajambo (Terafimu).

Mu giheburayo havuga ngo «yuzuza ukuboko.»

Canke «yiyumvira.»

Bishobora kuba bisobanura gusa ko yaba mu Buyuda.

Mu giheburayo havuga ngo «data.»

Mu giheburayo havuga ngo «yuzuza ukuboko.»

Mu giheburayo havuga ngo «intoranwa yo kubamwo.»

Canke «gutata.»

Canke «ukuntu avuga.»

Iryo zina risobanura ngo «ikambi ya Dani.»

Mu giheburayo ni «terafimu.» Raba Insiguro y’amajambo (Terafimu).

Canke «mu cuma bashongesheje.»

Mu giheburayo ni «terafimu.» Raba Insiguro y’amajambo (Terafimu).

Canke «mu cuma bashongesheje.»

Mu giheburayo ni «terafimu.» Raba Insiguro y’amajambo (Terafimu).

Canke «mu cuma bashongesheje.»

Mu giheburayo havuga ngo «data.»

Mu giheburayo ni «terafimu.» Raba Insiguro y’amajambo (Terafimu).

Canke «b’umutima udundumiwe.»

Mu giheburayo havuga ngo «inzu y’Imana.»

Canke «ufate umutima.»

Canke «umutima wawe umererwe neza.»

Canke «ufate umutima.»

Mu giheburayo havuga ngo «kw’ihema ryawe.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «nkaba nkorera ku nzu ya Yehova.»

Mu giheburayo havuga ngo «gira amahoro.»

Canke «mubafate ku nguvu, mubakorere ivyo mugomba.»

Mu giheburayo havuga ngo «shebuja.»

Mu giheburayo havuga ngo «shebuja.»

Canke «nimubishireko umutima.»

Mu giheburayo havuga ngo «rikorana nk’umuntu umwe.»

Hashobora kandi kuvugwa ngo «bene amatongo.»

Mu giheburayo havuga ngo «bahaguruka nk’umuntu umwe.»

Mu giheburayo havuga ngo «bakorana nk’umuntu umwe.»

Canke «amashikanwa y’amahoro.»

Mu giheburayo havuga ngo «yahagarara.»

Mu giheburayo havuga ngo «babakandagirira.»

Mu giheburayo havuga ngo «batoragura (nka kurya batoragura mu mirima).»

Canke «yiyumvira.»

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika