ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • yb16 rup. 128
  • Ihwaniro ry’intibagirwa

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ihwaniro ry’intibagirwa
  • Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2016
Igitabu c’umwaka c’Ivyabona vya Yehova 2016
yb16 rup. 128

ENDONEZIYA

Ihwaniro ry’intibagirwa

KUVA ku wa 15-18 Myandagaro 1963, abamamaji amajana n’amajana bo mu mihingo yose y’igihugu be n’abashitsi 122 bo mu bindi bihugu barakubise harazima mu gisagara ca Bandung, mu burengero bwa Java. Bari baje kw’ihwaniro ryataziriwe ngo “Inkuru nziza y’ibihe bidahera.” Ni ryo hwaniro mpuzamakungu rya mbere ryabereye muri Endoneziya.

Abavukanyi baragize ingorane nyinshi mu gutegura iryo hwaniro. Ikibanza ryari kuberamwo cahindutse incuro zitatu kubera ibirori vyo guhimbaza umusi mukuru wo kwikukira. Kubera ko amahera yari yataye agaciro bigatuma leta igwiza na kane ibiciro vyo kwiyunguruza, hari abashitsi baciye bahindura uburyo bwo kwiyunguruza. Umuvukanyi umwe yagize urugendo rw’imisi itandatu kugira ashike kw’ihwaniro. Abashitsi 70 b’i Sulawesi bagize urugendo rw’imisi itanu mu bwato bupakiye abantu isinzi, bicaye ku masaso yabwo.

Kuri iryo hwaniro, abavukanyi bo muri Endoneziya barahimbawe no kubonana n’abavukanyi bo mu bindi bihugu harimwo na Frederick Franz be na Grant Suiter bo mu Nama Nyobozi. Umushitsi umwe yavuze ati: “Abavukanyi bo ng’aha barahimbawe cane, baguma bitwengera.”

Abantu barenga 750 ni bo bitavye iryo hwaniro, 34 na bo barabatizwa. Ronald Jacka agira ati: “Iryo hwaniro ryaratumye abantu benshi baza mu kuri. Ryaratumye abavukanyi bo ng’aho bongereza umwete mu ndimiro.”

Ronald Jacka ari kumwe n’uwusobanura kw’ihwaniro ryo mu 1963 ryataziriwe ngo “Inkuru nziza y’ibihe bidahera”

Ronald Jacka (iburyo) ariko atanga insiguro kuri rya hwaniro ryo mu 1963 ari kumwe n’uwusobanura

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika