‘ Nuzigame ubumwe bw’impwemu’
INTUMWA PAWULO yahanuye abakirisu b’i Efeso kuguma ‘bihanganirana mu rukundo no kwihatira n’umwete kuzigama ubumwe bw’impwemu mu mugozi w’amahoro wunga ubumwe.’—Ef. 4:2, 3.
Ubwo «bumwe» dufitaniye ni «ubw’impwemu.» Ivyo bisobanura ko tubukesha inguvu Imana ikoresha. Mugabo nk’uko Pawulo avyerekana, ubwo bumwe burakeneye kuzigamwa. None bwozigamwa na nde? Umukirisu wese akwiye gukora uko ashoboye kwose kugira ngo ‘azigame ubwo bumwe bw’impwemu.’
Tubitangire akarorero: Dufate ko hari uwaguhaye imodoka nshasha. None ni nde akwiye kuguma ayitwararika kugira ngo igume ikora neza? Inyishu iratomoye. Iramutse igize ikibazo kubera ko utayitwararitse, ntivyobazwa uwayiguhaye.
Muri ubwo buryo nyene, ubumwe dufitaniye ni ingabire Yehova yaduhaye. Umwe wese muri twebwe arafise ibanga ryo kubuzigama. Nimba hari umuvukanyi canke mushiki wacu tudafitaniye amahoro, dukwiye kwibaza duti: «Noba ndiko ndakora uko nshoboye kwose kugira ngo ntorere umuti ico kibazo maze nzigame ubumwe bw’impwemu?»
‘NIWIHATIRE N’UMWETE KUZIGAMA UBUMWE’
Nk’uko Pawulo avyerekana, ntivyama vyoroshe ko tuzigama ubumwe bw’impwemu. Ivyo ni ko biri canecane igihe hari umuvukanyi canke mushiki wacu yatubabaje. None kugira tuzigame ubumwe, vyoba ari ngombwa ko twama twegera uwo muntu tukaganira ivy’iyo ngorane? Si ngombwa. Niwibaze uti: «Iyi ngorane dufitaniye ninayigagamisha, vyoba biza gutuma twiyunga canke biraza kwunyura ibintu?» Hari igihe wosanga icoba ciza ari ukwirengagiza iyo ngorane canke kubabarira uwo muntu.—Imig. 19:11; Mrk. 11:25.
Niwibaze uti: «Iyi ngorane dufitaniye ninayigagamisha, vyoba biza gutuma twunga ubumwe canke biraza kwunyura ibintu?»
Nk’uko intumwa Pawulo yavyanditse, nimuze tugume ‘twihanganirana mu rukundo.’ (Ef. 4:2) Igitabu kimwe kivuga ko iryo ryungane rishobora gusigurwa ngo «nimuze twakire abandi uko bari.» Ivyo bisobanura ko twemera yuko abavukanyi bacu ari abanyagasembwa cokimwe natwe. Ego ni ko tuguma twihatira kwambara «kamere nshasha.» (Ef. 4:23, 24) Naho ari ukwo, nta n’umwe muri twebwe ashobora kubigira mu buryo butagira agahaze. (Rom. 3:23) Dutahuye ico kintu, bica bitworohera kwihanganirana no kubabarirana maze «[tuka]zigama ubumwe bw’impwemu.»
Igihe turondeye gutorera umuti ivyatubabaje, mbere naho twobigirira gusa mu mutima wacu, bizotuma tugumana wa «mugozi w’amahoro wunga ubumwe.» Ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ngo ‘umugozi wunga ubumwe’ mu Banyefeso 4:3, ryahinduwe ngo «imirya» mu Bakolosayi 2:19. Imirya ni imitsi minini ikomeye ifatanya igufa n’irindi. Muri ubwo buryo nyene, amahoro n’urukundo dufitaniye n’abavukanyi bacu, biradufasha kuguma twunze ubumwe naho twogira ivyo tudahurizako.
Igihe rero hari umuvukanyi agushayeko canke akakubabaza, nugerageze kumutahura aho kumutora amahinyu. (Kol. 3:12) Kubera ko abantu bose badatunganye, nawe bishobora kuba vyarashitse urababaza umuntu. Kwibuka ico kintu, bizogufasha gukora uko ushoboye kwose kugira ‘uzigame ubumwe bw’impwemu.’