Isubiramwo ryo mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi
Ibibazo bikurikira bizorimburwa mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi mu ndwi itangura ku wa 30 Kigarama 2013. Harashizwemwo igenekerezo iciyumviro kimwekimwe cose kizorimburirwako kugira ngo umuntu ashobore kugira ubushakashatsi igihe ategura ishure ku ndwi ku ndwi.
1. Ni igiki kizodufasha kwerekana ubwitonzi igihe tuvugana n’abategetsi bo mw’isi? (Tito 3:2) [4 Muny., w03 1/4 rup. 25 ing. 18-19]
2. Bishoboka gute ngo “vyose” bibe “ibidahumanye ku bantu badahumanye,” mugabo bikaba ibihumanye “ku bantu bahumanye kandi batagira ukwizera”? (Tito 1:15) [4 Muny., w08 15/10 rup. 30 ing. 6]
3. Twinjira gute mu karuhuko k’Imana? (Heb. 4:9-11) [11 Muny., w11 15/7 rup. 28 ing. 16, 17]
4. Ni igiki dushobora kwigira kuri Samweli be na ba bahanuzi b’abizigirwa bashikije “ubugororotsi”? (Heb. 11:32, 33) [18 Muny., w11 1/1 rup. 25 ing. 5–rup. 26 ing. 1]
5. Ni kubera iki Yakobo yanditse ko “ubukerebutsi buva hejuru imbere ya vyose [ari] ubutanduye, maze bukaba ubw’amahoro”? (Yak. 3:17) [25 Muny., w11 15/8 rup. 30 ing. 15]
6. Abo “bapfuye” bamenyeshejwe “inkuru nziza” ni bande? (1 Pet. 4:6) [2 Kig., w08 15/11 rup. 21 ing. 8]
7. Twisunze ibivugwa muri 1 Yohani 2:7, 8, ni ibwirizwa irihe Yohani ariko aravuga ko ari irya “kera” be n’uko ari “rishasha”? [9 Kig., w08 15/12 rup. 27 ing. 6]
8. Amazina y’icubahiro “Alufa na Omega” be na “uwa Mbere n’uwa Nyuma” yerekeza kuri nde? (Ivyah. 1:8, 17) [16 Kig., w09 15/1 rup. 30 ing. 6]
9. Ni mu buryo bubiri ubuhe abakirisu barobanuwe ‘badomwako ikidodo’? (Ivyah. 7:3) [23 Kig., w07 1/1 rup. 31 ing. 1]
10. Ni kubera iki dukwiye kwemera tudakeka ko imihezagiro yavuzwe ko izobaho mu kiringo c’ubutegetsi bw’Ubwami ari ntakekeranywa, kandi kumenya ivyo bikwiye kugira ico bidukozeko gute? (Ivyah. 21:5, 6) [30 Kig., re rup. 303 ing. 9]