Isubiramwo ryo mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi
Ibibazo bikurikira bizorimburwa mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi mu ndwi itangura ku wa 25 Ndamukiza 2011. Umucungezi w’ishure azoyobora isubiramwo ry’iminuta 20 rishingiye ku mayagwa yarimbuwe mu biganiro vyashikirijwe kuva mu ndwi itangura ku wa 7 Ntwarante gushika mu ndwi itangura ku wa 25 Ndamukiza 2011.
1. Ni kubera iki “vyinshi mu bisata vy’abantu vy’ico gihugu vyariko vyiyita Abayuda”? (Est. 8:17) [w06 1/3 rup. 11 ing. 3]
2. Ni bande bari bemerewe kuza gushengera imbere ya Yehova, kandi ni kubera iki yabibemerera? (Yobu 1:6; 2:1) [w06 15/3 rup. 13 ing. 6]
3. Umukenyezi wa Yobu ashobora kuba yari amerewe gute mu bwenge igihe yabwira umunega wiwe ngo avume Imana apfe aveho? (Yobu 2:9) [w06 15/3 rup. 14 ing. 3]
4. Amajambo Yobu yavuze dusanga muri Yobu 13:24 yoba asobanura ko yari yabaye umwansi wa Yehova? [w05 1/8 rup. 21 ing. 2]
5. Ivyo Elifazi yavuze ngo umuntu agotomera “ibitagororotse nk’amazi,” ni mu buryo ki bigaragaza ivyiyumviro vya Shetani? (Yobu 15:16) [w10 15/2 rup. 20 ing. 1-2]
6. Ivyo ba bagenzi batatu ba Yobu bavuze vyatumye amererwa gute? (Yobu 16:2) [w06 15/8 rup. 22 ing. 12-13]
7. Ni igiki cafashije Yobu kugumana ugutungana kwiwe? (Yobu 27:5) [w09 15/4 rup. 6 ing. 17]
8. Ni icigwa ikihe dushobora gukura muri Yobu 10:1? [w06 15/3 rup. 15 ing. 4]
9. Ni igiki twigira ku kuntu Yobu yihanganye akarindirako? (Yobu 42:12) [w06 1/2 rup. 21 ing. 19]
10. Kuzirikana ku bikorwa vy’agatangaza vya Yehova bikwiye kugira ico bikoze gute kuri twebwe? (Yobu 37:14) [w06 15/3 rup. 16 ing. 4]