ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w19 Kigarama rup. 15
  • Ibibazo vy’abasomyi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ibibazo vy’abasomyi
  • Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2019
  • Ivyo bijanye
  • Ubuzima bwo mw’Iparadizo bwari bumeze gute?
    Niwumvirize Imana maze ubeho ibihe bidahera
  • Ubuzima Inyuma yo Gupfa—Abantu Bavyemerako Iki?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1999
  • Ubugarariji mu Karere k’Ibinyabuzima-mpwemu
    Imizimu y’Abapfuye—Yoba Ishobora Kugufasha Canke Kugutera? Ubwo Irabaho vy’Ukuri?
  • Woba ufise impwemu idapfa?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
Ibindi
Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2019
w19 Kigarama rup. 15

Ibibazo vy’abasomyi

Igihe Shetani yabwira Eva ko aramutse ariye ku giti c’ubumenyi bw’iciza n’ikibi atopfuye, yoba yari atanguje ca ciyumviro cemerwa na benshi c’uko umuntu afise umutima w’ubwenge udapfa?

Shetani ariko aragerageza Eva abicishije ku nzoka

Shetani ntiyabwiye Eva ko aramutse ariye icamwa Imana yari yababujije, hopfuye ikibiribiri ciwe gusa mugabo hakagira ikindi kintu kitaboneka kimuvamwo (ico bamwe bita umutima w’ubwenge udapfa) kikaja kwibandaniriza kubaho ahandi hantu. Shetani abicishije ku nzoka, yavuze ko Eva ariye ku camwa co kuri ico giti ‘atopfuye namba.’ Yashaka kuvuga ko Eva yobandanije kubaho kw’isi ahimbawe, kandi adategekwa n’Imana.​—Ita. 2:17; 3:3-5.

None nimba iyo nyigisho y’ikinyoma y’uko umuntu afise umutima w’ubwenge udapfa idakomoka muri Edeni, yazananye hehe? Ntitubizi neza. Ico tuzi co, ni uko ugusenga kwose kw’ikinyoma kwakuweho mu gihe c’Umwuzure wo mu misi ya Nowa. Nta wigisha ikinyoma n’umwe yarokotse Umwuzure kuko harokotse Nowa n’umuryango wiwe gusa, na bo bakaba basenga mu kuri.

Rero iyo nyigisho y’uko umuntu afise umutima w’ubwenge udapfa itegerezwa kuba yatanguye inyuma y’Umwuzure. Igihe Imana yavurunganya indimi i Babeli maze abantu bagasanzara “ku buringanire bwose bw’isi,” nta gukeka ko bagiye batwaye ico ciyumviro c’uko umuntu afise umutima w’ubwenge udapfa. (Ita. 11:8, 9) Iyo nyigisho y’ikinyoma yaba yatanguye ryari, turazi neza yuko “se w’ikinyoma” Shetani wa Mubesheranyi ari we yari inyuma yayo kandi ko yahimbawe no kubona ikwiragira hose.​—Yoh. 8:44.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika