ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w16 Kigarama rup. 29-31
  • Ubwitonzi ni ingendo iranga ubukerebutsi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ubwitonzi ni ingendo iranga ubukerebutsi
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2016
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • UMUNTU YITONDA ABA ARI INKEREBUTSI
  • Ubwitonzi: Butugirira akamaro gute?
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2020
  • “Ni nde ari inkerebutsi kandi atahura muri mwebwe?”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Nube umuntu arangwa n’ubwitonzi
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2023
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2016
w16 Kigarama rup. 29-31
Umuntu akora akazi ko kwitwararika abageze mu zabukuru ariko aravugana n’umugore yashavuye

Ubwitonzi ni ingendo iranga ubukerebutsi

Mushiki wacu yitwa Toñi akora akazi ko kwitwararika abageze mu zabukuru. Umusi umwe yaradodoye ku rugo rw’umwe mu bantu asanzwe yitwararika, haca haza umugore ageze mu myaka 50. Uwo mugore yaciye amutukagura ngo yatevye kuza kwitwararika nyina wiwe. Mu bisanzwe Toñi ntiyari yacerewe. Ariko Toñi yaramusavye ikigongwe naho ata kosa yari yakoze.

TOÑI agarutse kwitwararika uwo mutamakazi, nya mugore yarasubiye kumuryagagura. None Toñi yavyifashemwo gute? Avuga ati: “Ntivyari vyoroshe na gatoyi. Yariko ampora ubusa.” Naho vyari ukwo, Toñi yarasubiye kumusaba ikigongwe, aramubwira ko atahura ingorane yarimwo.

Iyaba wari Toñi, wari kuvyifatamwo gute? Woba wari kugaragaza ubwitonzi? Vyoba vyari kukugora gutsinda ishavu? Tuvugishije ukuri, ntivyama vyoroshe ko umuntu aguma atekanye mu bihe nk’ivyo. Iyo twashushe umutwe canke igihe abandi badusomborokeje, usanga bitoroshe kuguma twiyoroheje.

Yamara rero, Bibiliya ihimiriza abakirisu kugaragaza ubwitonzi. Mbere Ijambo ry’Imana ryerekana ko hariho isano hagati y’ubwitonzi n’ubukerebutsi. Yakobo yavuze ati: “Ni nde ari inkerebutsi kandi ategera muri mwebwe? Niyerekanire mu ngeso ziwe nziza ibikorwa vyiwe ari n’ubwitonzi buva ku bukerebutsi.” (Yak. 3:13) Ni mu buryo ki umuntu yitonda aba afise ubukerebutsi buva hejuru? Kandi ni igiki codufasha gutsimbataza iyo kamere?

UMUNTU YITONDA ABA ARI INKEREBUTSI

Ubwitonzi burashobora guhwamika ishavu. “Inyishu, iyo irimwo ubwitonzi, ikevya uburake, mugabo ijambo ritera umubabaro riduza ishavu.”​—Imig. 15:1.

Ishavu rirashobora kwunyura ibintu, kuko rituma umuntu yongera ikibi mu kindi. (Imig. 26:21) Ariko inyishu irimwo ubwitonzi akenshi ituma ishavu rihwama. Irashobora gutuma umuntu yari yarakaye aturura.

Ivyo Toñi yaravyiboneye. Wa mugore yumvise ingene Toñi amwishuranye ubwitonzi, yaciye akorora amosozi. Yaciye amubwira ko yari yarengewe n’ingorane ziwe bwite hamwe n’izo mu muryango. Toñi yaciye aboneraho akaryo ko kumubwira inkuru nziza, inyigisho ya Bibiliya ica iratangura. Ivyo vyose vyashobotse kubera yuko Toñi yagumye atekanye kandi akaba umunyamahoro.

Ubwitonzi buratuma tuba abahimbawe. “Hahiriwe abitonda, kuko bazotorana isi.”​—Mat. 5:5.

Kubera iki abitonda bahiriwe? Abantu benshi bahoze ari inkazi ubu barahimbawe kubera ko batsimbataje kamere y’ubwitonzi. Bararushirije kugira ubuzima bumeze neza, kandi biteze kazoza gahimbaye. (Kol. 3:12) Umucungezi w’umuzunguruko wo muri Espanye yitwa Adolfo aratwiganira ingene ubuzima bwiwe bwari bumeze imbere y’uko amenya ukuri.

Adolfo avuga ati: “Sinabona iyo ndiko ndaja. Narakunda gutwarwa n’ishavu ku buryo n’abagenzi banje bantinya. Hari ikintu cabaye gituma mpinduka. Igihe kimwe turiko turarwana n’abandi bantu, barancumise imbugita incuro zitandatu, ndavirirana gushika aho mpakwa gupfa.”

Ubu Adolfo asigaye yigisha abandi kugaragaza ubwitonzi, akabigira mu mvugo no mu ngiro. Benshi baramukunda kubera afise igishika n’izindi kamere nziza. Adolfo avuga ko ahimbawe kubera amahinduka yagize, kandi arashimira Yehova kuko yamufashije kuba umuntu yitonda.

Ubwitonzi burahimbara Yehova. “Ba inkerebutsi mwananje, unezereze umutima wanje, kugira ngo nshobore kwishura uwuncokora.”​—Imig. 27:11.

Shetani, wa mwansi mukuru w’Imana, aguma acokora Yehova. Imana irafise imvo zumvikana zo kubabazwa n’ako gacokoro, ariko Bibiliya ivuga ko Yehova “[a]teba gushavura.” (Kuv. 34:6) Igihe twihatiye kwigana ubwitonzi bw’Imana n’ukuntu iteba gushavura, tuba tugize ikintu kiranga ubukerebutsi kandi gihimbara Yehova cane.​—Ef. 5:1.

Iyi si yarameze amenyo. Dukikujwe n’abantu ‘bishima, bibona, b’abarogosi, bambika ibara abandi, batagira ukwigumya kandi b’inkazi.’ (2 Tim. 3:2, 3) Ariko ivyo ntivyotuma umukirisu adatsimbataza ubwitonzi. Ijambo ry’Imana riratwibutsa ko ‘ubukerebutsi buva hejuru ari ubw’amahoro be n’uko bugira ibitegereka.’ (Yak. 3:17) Igihe tubaye abanyamahoro kandi tukagira ibitegereka, tuba twerekanye ko dufise ubukerebutsi buva ku Mana. Ubwo bukerebutsi buzotuma twishurana ubwitonzi igihe dusomborokejwe bwongere butume turushiriza kwiyegereza Yehova, we Soko ry’ubukerebutsi bwose.

Ingene wotsimbataza ubwitonzi

Hagize umuntu akuryagagura canke agufata nabi, ni igiki cogufasha kwigumya no kuvyifatamwo mu buryo buhimbara Yehova? Ubona gute uzirikanye kuri izi ngingo ngenderwako?

  1. 1 NIWAMIRIRE KURE “IMPWEMU Y’ISI.”—1 Kor. 2:12.Abantu benshi babona ko ubwitonzi ari ubugoyagoye. Babona ko umugabo ari umuntu atarya umunwa kandi avuga yashizeko. Ivyiyumviro nk’ivyo bigaragaza impwemu y’isi, ntibigaragaza ubukerebutsi buva mw’ijuru. Bibiliya iratomora ko ubwitonzi ari ubugabo. Ivuga iti: “Biciye ku kwihangana umukomanda arayengayengwa, kandi ururimi rw’ubwitonzi rurashobora kumena igufa.”​—Imig. 25:15.

    Ibibazo vyo kuzirikana:

    Noba mbona ko ubwitonzi ari ubugoyagoye canke ko ari ubugabo?

    Noba nihatira kwirinda “ibikorwa vy’umubiri,” nk’ukwiguburiza kw’ishavu n’ugushihana? ​—Gal. 5:19, 20.

  2. 2 BANZA UZIRIKANE. “Umutima w’umugororotsi urazirikana kugira ngo wishure, mugabo akanwa k’ababisha kadudubiza ibintu bibi.” (Imig. 15:28) Igihe tuvuze tugishavuye, turashobora gusanga turekuye amajambo atuma mu nyuma twicuza. Ariko iyo tuzirikanye imbere yo kuvuga, turashobora gutororokanya ivyiyumviro vyacu, tukishurana ubwitonzi, bigatuma abandi bakira neza ivyo tuvuze.

    Ibibazo vyo kuzirikana:

    Gushavura ningoga vyongirako ingaruka izihe?

    Noba nokwirengagiza ikibi nakorewe kugira nzigame amahoro?​—Imig. 19:11.

  3. 3 NUSENGE CANE. Nusabe impwemu nyeranda, ya nguvu itananirwa. (Luka 11:13) Niwibuke ko ubwitonzi n’ukwigumya biri mu bigize icamwa c’impwemu nyeranda y’Imana. Adolfo yigana ati: “Gusenga Yehova ubudahengeshanya vyaramfashije rwose, na canecane igihe imitsi yaba yaranze.” Na twebwe Yehova azotwishura ‘nitwashishikara gusenga’ tumusaba impwemu yiwe nyeranda.​—Rom. 12:12.

    Ibibazo vyo kuzirikana:

    Noba nama nsenga Yehova ndamusaba ngo asuzume umutima wanje n’imvo nkorana ibintu?

    Noba ndamusaba impwemu yiwe nyeranda n’ubukerebutsi kugira nkore ibimuhimbara?​—Zab. 139:23, 24; Yak. 1:5.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika