ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • wp16 no. 1 rup. 11-14
  • Icogufasha kudahagarika umutima

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Icogufasha kudahagarika umutima
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2016
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • IVYO UMUNTU YAKURIYEMWO
  • IMANA IRATWITWARARIKA
  • IBINTU BITATU VYODUFASHA GUTEKANIRWA
  • UGUTEKANIRWA KURI BOSE
  • Nturi wenyene, kuko Yehova yama ari kumwe nawe
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2021
  • Yehova aragukunda!
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2021
  • Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Nuhimbarirwe iterambere ryawe bwite
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2021
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2016
wp16 no. 1 rup. 11-14
Umuvyeyi ateruye agakobwa kiwe

Icogufasha kudahagarika umutima

URUYOYA rukivuka nta co ruba rwishoboje. Tukivuka ibintu vyose twabikorerwa n’abavyeyi bacu. Tukiri bato duhuye n’abantu bakuze tutazi twaragira ubwoba. Ariko turi kumwe n’abavyeyi bacu, twarumva dutekaniwe. Tubafashe ukuboko twaca twumva ubwoba buheze.

Ico gihe twarumva tumerewe neza abavyeyi bacu batubwiye ko badukunda kandi bakaturemesha. Kumenya ko badukunda, vyaratuma tugira amahoro. Batubwiye ko twakoze neza na ho, vyaraturyohera bigatuma tugira n’umwete.

Tumaze gukura gatoyi, abagenzi na bo nyene baradufashije. Turi kumwe na bo twarumva ko dufise amahoro kandi baradufashije kumenyera kw’ishure.

Ariko ivyo duhejeje kuvuga si ko bigenda ku bana bose. Hari abo usanga bafise abagenzi bake cane, abenshi na bo ugasanga ntibaronka urukundo rwa kivyeyi. Melissaa yiyemerera ati: “Igihe cose mbonye amafoto y’imiryango yunze ubumwe iriko ikorera ibintu hamwe, nca nibwira nti: ‘Ese iyo nkurira mu muryango nk’uyu!’” Hari aho nawe woba wiyumva gutyo.

IVYO UMUNTU YAKURIYEMWO

Kumbure ukiri muto waratinya. Abavyeyi bawe bashobora kuba batakugaragarije urukundo bihagije. Hari aho woba wibuka ingene abavyeyi bawe bama bashwana, ivyo bikaba vyatumye umubano wabo usambuka. Kumbure wibaza ko ari we watuma bashwana. Canke na ho umwe mu bavyeyi bawe yaraguturubika.

Umwana yakuze gutyo ashobora kugira nyifato iyihe? Bamwebamwe bageze mu buyabaga baca batangura kunywa ibiyayuramutwe n’inzoga nyinshi. Abandi baca baja mu migwi y’inkozi z’ikibi kugira bumve ko hari ababashigikiye. Hari n’abaca barondera uwo bakundana hataragera kugira bumve ko hari uwubitwararika. Ariko kenshi ubwo bucuti ntiburamba kandi iyo buhagaze bituma barushiriza guhagarika umutima.

N’igihe abo bana birinze izo ngeso mbi boshobora gukura bumva ko ataco bamaze. Ana avuga ati: “Nabona ko ataco maze kubera ari vyo mawe yama ambwira. Ntiyigera ankeza canke ambwira ko ankunda.”

Ivyo twakuriyemwo si vyo vyonyene bituma umuntu abura amahoro. Birashobora kuva ku kwahukana, ku busaza canke mbere ku kurazwa ishinga n’ukuntu dusa. Vyaba bitewe n’iki, birashobora kudutwara agahimbare kandi bikonona ubucuti dufitaniye n’abandi. Twokora iki none kugira tubitorere umuti?

IMANA IRATWITWARARIKA

Turaremeshwa no kumenya ko hari uwushoboye kudufasha kandi avyipfuza, na we akaba ari Imana ubwayo.

Raba ubutumwa Imana yarungitse biciye ku muhanuzi Yesaya. Bugira buti: “Ntiweraguze, kuko ndi Imana yawe. Nzogukomeza. Nzogufasha vy’ukuri. Emwe, nzogufata nkugumye n’ukuryo kwanje kw’ubugororotsi.” (Yesaya 41:10, 13) Ese ingene biremesha kubona ko Imana yipfuza kudufata ukuboko! Ntidukwiye rero guhagarika umutima!

Bibiliya iravuga abasavyi b’Imana vyashitse barahagarika umutima, ariko barihangana babifashijwemwo n’Imana. Hana nyina wa Samweli, yabona ko ataco amaze kubera ata kana yari afise. Akenshi baramutwenga kubera yari ingumba. Ivyo vyatuma atakaza akayabagu kandi akaguma arira. (1 Samweli 1:6, 8) Ariko amaze kumenyesha Imana ikimubakiye, ntiyasubiye kugira amaganya.​—1 Samweli 1:18.

Umwanditsi w’amazaburi Dawidi, na we nyene yarigeze kubura amahoro. Yaramaze imyaka ahigwa buhongo n’umwami Sauli. Akatari gake Dawidi yagarukiye ku cobo, kandi vyarashika akumva arengewe n’ingorane ziwe. (Zaburi 55:3-5; 69:1) Naho ari ukwo yanditse ati: “Nzokwiryamira nisinzirire mu mahoro, kuko wewe wenyene, ewe Yehova, ari we utuma mbaho mu mutekano.”​—Zaburi 4:8.

Hana na Dawidi bompi baratereye amaganya yabo kuri Yehova, kandi yarabashigikiye. (Zaburi 55:22) Twobigana gute muri iki gihe?

IBINTU BITATU VYODUFASHA GUTEKANIRWA

1. Niwizigire Yehova umubone nk’Umuvyeyi.

Umugabo ariko arazirikana ku vyo asomye muri Bibiliya

Yezu yaduhimirije kwiga ivyerekeye Se wiwe, we “Mana yonyene y’ukuri.” (Yohani 17:3) Intumwa Paulo adusubiriza umutima mu nda ko “itari kure y’umwe wese muri twebwe.” (Ivyakozwe 17:27) Yakobo na we yanditse ati: “Mwiyegereze Imana, na yo izobiyegereza.”​—Yakobo 4:8.

Kumenya ko dufise umuvyeyi wo mw’ijuru adukunda kandi atwitwararika ni ikintu gihambaye kidufasha gutsinda amaganya. Ego ni ko bisaba igihe kugira twunge ubwo bucuti n’Imana, ariko benshi basanze kubigira bibafasha cane. Caroline avuga ati: “Igihe natahura ko Yehova ari umuvyeyi wanje, nari ngiye naronka uwo nshobora guserurira akari ku mutima. Ivyo vyarampumurije cane.”

Rachel atwiganira ati: “Igihe abavyeyi banje badusiga bakagenda, Yehova yaramfashije kudahagarika umutima. Naramwitura nkamusaba kumfasha mu ngorane kandi yaramfashije.”b

2. Nubone abo musangiye ukwizera nk’umuryango wawe.

Abantu bariko baraganira ku Ngoro y’Ubwami

Yezu yigishije abigishwa biwe kubabarana nk’abavukana. Yababwiye ati: “Mwebwe mwese muri abavukana.” (Matayo 23:8) Yashaka ko abayoboke biwe bakundana bakaba ico twokwita umuryango munini w’abasavyi b’Imana.​—Matayo 12:48-50; Yohani 13:35.

Mu mashengero yabo, Ivyabona vya Yehova baragerageza kwitwararikana kandi bakaremeshanya bivuye ku mutima nk’uko biranga abakirisu b’ukuri. (Abaheburayo 10:24, 25) Abatari bake basanze amakoraniro bagira y’ivy’ugusenga ari nk’umuti ubakiza umubabaro wo mu mutima.

Eva yigana ati: “Nari mfise umugenzi ashika mw’ishengero yatahuye umubabaro nariko ndacamwo. Yaranyumviriza, akansomera Bibiliya kandi tugasengera hamwe. Yanguma hafi ku buryo ntagira irungu. Vyaranyorohera kumuyagira ingorane naba mfise kandi vyatuma numva nduhuriwe. Kubera ko yamfashije naratanguye gusubiza umutima mu nda.” Rachel yavuze kandi ati: “Mw’ishengero narironkeye abavyeyi. Baranyeretse vy’ukuri ko bankunda kandi vyaratumye numva ntekaniwe.”

3. Nugaragarize abandi urukundo n’umutima mwiza.

Kugaragariza abandi urukundo n’umutima mwiza biratuma tuba abagenzi bashika. Yezu yavuze ati: “Gutanga birimwo agahimbare kuruta guhabwa.” (Ivyakozwe 20:35) Kandi nta gukeka ko uko tuzorushiriza kwereka abandi ko tubakunda, na bo bazorushiriza kudukunda. Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: “Mugire akamenyero ko gutanga, namwe bazobaha.”​—Luka 6:38.

Tugaragarije urukundo abandi na bo bakarutugaragariza, biratuma dutekanirwa. Nk’uko Bibiliya ibivuga, “urukundo ntirwigera runanirwa.” (1 Abakorinto 13:8) María avuga ati: “Ndazi ko bihora bishika nkabona ko ataco maze kandi atari vyo. Rero ndikuramwo mwene ivyo vyiyumviro bica intege mu gufasha abandi maze nkareka kwiyumvira ivyanje. Ndumva nshize akanyota iyo mfashije abandi.”

Umutama atambuka yishimikije akantu afashijwe n’uwukiri muto

UGUTEKANIRWA KURI BOSE

Ivyo bintu duhejeje kuvuga ntibica bituma uronka amahoro ku gitangaro. Ariko birashobora gufasha cane. Caroline avuga ati: “Biracashika ngahagarika umutima. Ariko ubu sinkibona ko ataco maze. Ndazi ko Imana inkunda kandi ndafise abagenzi benshi bashika batuma numva ntekaniwe.” Na Rachel ni ko abibona. Avuga ati: “Birashika nkarengerwa n’umubabaro. Ariko ndafise bene wacu dusangiye ukwemera nshobora kwitura bakampa impanuro kugira sinihebure. N’ikiruta vyose ndafise Umuvyeyi wo mw’ijuru nshobora kwitura imisi yose. Ivyo biramfasha cane.”

Bibiliya iravuga ko himirije kubaho isi nshasha, aho umwe wese muri twebwe azokwumva atekaniwe

Iyo ngorane izotorerwa umuti rimwe rizima. Bibiliya iravuga ko himirije kubaho isi nshasha, aho umwe wese muri twebwe azokwumva atekaniwe. Ijambo ry’Imana ridusezeranira ko abantu “bazokwicara umwe wese munsi y’umuzabibu wiwe no munsi y’igiti ciwe c’umusukoni, kandi nta n’umwe azobajugumiza.” (Mika 4:4) Ico gihe, nta kizodutera ubwoba canke ngo kitubabaze. Emwe n’ibintu bibabaza vyadushikiye muri kahise “ntibizokwibukwa.” (Yesaya 65:17, 25) Imana n’umwana wayo Yezu Kristu bazoshiraho “ubugororotsi nyakuri.” Ivyo bizotuma habaho “impore n’umutekano gushika igihe kitagira urugero.”​—Yesaya 32:17.

a Muri iki kiganiro, abavugwamwo si ko basanzwe bitwa kubera ko bitashimwe ko bamenyekana.

b Ivyabona vya Yehova barigisha Bibiliya ku buntu abantu bose bipfuza kwiyegereza Imana.

Ibitera uguhagarika umutima

“Dawe yari imborerwa. Atanguye gushwana waramuyoberwa. Yaca aba nk’ibingira yasamye kugira ngo igurukire ku gikoko. Nanje naca mera nk’intama yatekewe n’ubwoba iriko irinyegeza kugira ntibayibone. Ayo magorwa ni yo yanshikira hafi imisi yose.”​—Uwo ni Caroline atwiganira ivyo yaciyemwo mu bwana.

“Nabona ko ata muntu n’umwe nokwizigira. Wamengo ndi kw’isonga ry’umusozi nabuze iyo nja, nkaguma nkoma induru mugabo nkabura umuntu n’umwe antabara.”​—Uwo ni Eva aheruka kwahukana.

“Akenshi dawe yarankankamira ambwira ngo ‘Ntaco umaze. Nta n’umwe yogukunda!’ Naramaze imyaka ngerageza kwiyumvisha ko hari ico maze be n’uko abandi bankunda. Nari meze nk’akabunda kazinze umurizo kaburaniwe, kabuze n’uwugakorako.”​—Uwo ni Mark yari afise se akunda kumutuka.

“Hari igihe nitegereje umugore mwiza mbona ari nk’ishurwe ryiza abandi bantu boshima gushira mu nzu iwabo. Ariko jeho ndi nk’icatsi gisanzwe ata muntu yokwitaho.”​—Uwo ni umugore akiri muto yitwa María afise ingorane yo kwikengera.

“Igihe nari mfise imyaka 12 gusa, abavyeyi banje baragiye mu mahanga bansigarana batoyi banje babiri. Narumva nishwe n’irungu. Naripfuza ko hogira uwunyitwararika akankeza ku vyo nkora. Ariko wamengo ndi mw’ishamba rya manyenye. Naho nagerageza kwidadira, numva nohunga nkava muri iryo shamba. Naripfuza gutekanirwa no guhimbarwa.”​—Uwo ni Rachel, abavyeyi biwe bakaba bagiye gukorera mu mahanga.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika