ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w15 1/3 rup. 3
  • Kubera iki dukeneye gukizwa?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kubera iki dukeneye gukizwa?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Ivyo bijanye
  • Kubaho Ibihe Bidashira Si Indoto
    Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
  • Umwansi wacu rupfu azotsindwa gute?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2019
  • Twihweze Twitonze Ivyiyumviro Bimwebimwe Bitari vyo Vyerekeye Urupfu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • Urupfu Wewe Urubona Ute?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
w15 1/3 rup. 3
Udushurwe tuzoteba tugakabirana

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | YEZU ARAKIZA​—ADUKIZA IKI?

Kubera iki dukeneye gukizwa?

“Umuntu, uwavutse ku mugore, abaho igihe gitoyi kandi yuzuye umudugararo. Asokoroka nk’ishurwe agacibwa, agahunga nk’igitutu ntabandanye kubaho.”​—Yobu 14:1, 2.

Kuva kera na rindi, abantu bamye bipfuza kubaho ibihe bidahera badasaza kandi bafise amagara meza. Ariko ikibabaje ni uko dupfa. Haraheze imyaka irenga ibihumbi bitatu Yobu avuze ayo majambo ari aho haruguru, ariko n’ubu aracari ay’ukuri.

Icipfuzo kiturimwo co kubaho ibihe bidahera kirakomeye cane kandi kiri mu bantu bose. Bibiliya itubwira yuko Imana yadushizemwo icipfuzo co kubaho ibihe bidahera. Yaradushizemwo kandi icipfuzo co gutahura ivyo bihe bidahera. (Umusiguzi 3:11) Wumva none vyoba vyumvikana ko Imana y’urukundo yodushiramwo icipfuzo tudashobora gushikako? Nimba inyishu yawe ari oya, wishuye neza. Ijambo ry’Imana rivuga ko urupfu ari umwansi, rikadusezeranira ko “azokurwaho.”​—1 Abakorinto 15:26.

Nta woharira ko urupfu ari umwansi. Nta muntu akomeye yorwipfuza. Igihe tugeramiwe, turahunga canke tukinyegeza. Igihe turwaye, turivuza. Turakora ibishoboka vyose kugira ngo twirinde ikintu cotuma dupfa.

Hoba hari ikintu cotuma twizigira ko uwo mwansi amaze igihe kirekire azokurwaho? Ego cane kirahari. Umuremyi wacu Yehova Imana, ntiyaremye abantu ngo babeho imyaka mikeyi gusa hanyuma bace bapfa. Urupfu ntirwari mu mugambi w’Imana. Yashaka ko abantu babaho ibihe bidahera kw’isi, kandi ico ashatse cose aragikora.​—Yesaya 55:11.

None urupfu ruzokurwaho gute? Kuva kera, abantu baragerageje gutorera umuti urupfu, ariko vyabataye ku w’amazi. N’ubu baracagerageza. Abahinga barakoze incanco n’imiti vyafashije kurwanya indwara zimwezimwe. Baranatohoje bitonze ingene utugingo ngengakamere tw’ibifise ubuzima tumeze. Muri rusangi, ubu abantu bo mu mihingo myinshi bararamba kuruta uko vyari mu kinjana giheze. Yamara, gukuraho urupfu biracari kure nk’ukwezi. Nk’uko Bibiliya ibivuga, ibiremwa “vyose bisubira mu mukungugu.”​—Umusiguzi 3:20.

Ico womenya co, ntitwokwitega ko abantu batorera umuti iyo ngorane y’urupfu imaze igihe kirekire. Ariko igishimishije, Yehova Imana aramaze gutunganya ingene twokira urupfu. Umuntu nyamukuru muri uwo mugambi ni Yezu Kristu.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika