ABASOMYI BACU BARABAZA . . .
Yezu yoba yasezeraniye ya nkozi y’ikibi kuba mw’ijuru?
Ico kibazo kivyuka kubera yuko Yezu yasezeraniye ya nkozi y’ikibi yamanikwa iruhande yiwe yuko yobaye mw’Iparadizo. Yezu yavuze ati: “Ni ukuri ndabikubwiye uno musi: Uzoba uri kumwe nanje muri Paradizo.” (Luka 23:43) Urabona yuko Yezu atavuze aho iyo Paradizo yobaye iri. None Yezu yoba yashatse kuvuga yuko iyo nkozi y’ikibi yomusanze mw’ijuru?
Reka tubanze turabe nimba iyo nkozi y’ikibi yari ibereye kuja kuba mw’ijuru. Abafise icizigiro co kuzoja mw’ijuru ni abantu babatijwe mu mazi no mu mpwemu nyeranda, bakaba abigishwa ba Yezu bavyawe n’impwemu. (Yohani 3:3, 5) Ikindi kintu basabwa ni ukubaho bisunga ingingo ngenderwako z’Imana zigenga inyifato runtu bakongera bakaba inzirabugunge, intungane n’abanyempuhwe. (1 Abakorinto 6:9-11) Babwirizwa kandi kuguma ari intahemuka ku Mana no kuri Kristu gushika barangije ubuzima bwabo bwo kw’isi. (Luka 22:28-30; 2 Timoteyo 2:12) Bashikije ivyo bintu ni ho gusa baba berekanye ko babereye kuzozukira kuba mw’ijuru kandi ko bakwiriye gushingwa ibanga riremereye ribarindiriyeyo. Iryo banga ni iryo kuba abami n’abaherezi bafadikanya na Kristu kuganza abantu mu kiringo c’imyaka igihumbi.—Ivyahishuwe 20:6.
Ariko wa mugabo yamanikanwa na Yezu yabayeho ari inkozi y’ikibi, arinda apfa ari inkozi y’ikibi. (Luka 23:32, 39-41) Ego ni ko, yaragaragaje icubahiro igihe yabwira Yezu ati: “Urazonyibuka niwashika mu bwami bwawe.” (Luka 23:42) Ariko rero, ntiyari yarabatijwe ngo abe umwigishwa wa Yezu yavyawe n’impwemu, eka mbere no mu buzima bwiwe ntiyari yarerekanye yuko agororotse be n’uko ari umwizigirwa. Wumva none Yezu yari kumusezeranira kuba umutware mw’ijuru kumwe n’abayoboke biwe b’abizigirwa bari baragaragaje ko ari intahemuka?—Abaroma 2:6, 7.
Tubitangire akarorero: Igihe uwakwivye amahera yogusaba imbabazi, hari aho wohitamwo kutamwitwarira. Ariko none, woca umwizigira ukamuzeza urudandaza rwawe canke ukamushinga kwitwararika umuryango wawe? Amabanga nk’ayo woyashinga gusa abantu wizigiye kuruta abandi bose. Abafise icizigiro co kuzoba mw’ijuru na bo nyene bategerezwa gutanga ikimenyamenya gikura amazinda c’uko batazodohoka ku ngingo ngenderwako zigororotse z’Imana nibaganza umuryango w’abantu. (Ivyahishuwe 2:10) Ya nkozi y’ikibi ntiyatanze ico kimenyamenya naho biboneka ko yasavye ata buryarya Yezu ku munota wa nyuma ngo azomwibuke.
Hari uwobaza ati: ‘None Yezu ntiyabwiye iyo nkozi y’ikibi yuko yobaye kumwe na we mw’ijuru kuri uwo musi nyene?’ Ntivyari kuba kuri uwo musi nyene, kuko na Yezu ubwiwe ntiyinjiye mw’ijuru kuri uwo musi. Ahubwo yamaze imisi itatu “mu nda y’isi,” ni ukuvuga mu mva. (Matayo 12:40; Mariko 10:34) N’inyuma y’aho azukiye, yamaze imisi 40 kw’isi ataraduga mw’ijuru. (Ivyakozwe 1:3, 9) Iyo nkozi y’ikibi rero ntiyashobora kuba kumwe na Yezu mw’ijuru kuri uwo musi nyene.
None iyo nkozi y’ikibi yokwinjiye mw’Iparadizo iyihe? Niyazuka, izoba mw’Iparadizo yo kw’isi izoba iganzwa na Yezu. (Ivyakozwe 24:15; Ivyahishuwe 21:3, 4) Nimba wipfuza kumenya vyinshi ku bijanye n’iyo Paradizo be n’ivyo Imana igusaba kugira uzoyibemwo, nubaze Icabona ca Yehova uwo ari we wese.