ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w12 15/11 rup. 31-32
  • ‘Bwari ubutumwa bwiza igitangaza batari bwumve’

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • ‘Bwari ubutumwa bwiza igitangaza batari bwumve’
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
w12 15/11 rup. 31-32

Ivyo mu bushinguro bwacu

‘Bwari ubutumwa bwiza igitangaza batari bwumve’

“IVYO vyo ni ivy’iki?” Ukwo ni ko George Naish yabajije atunze urutoke ikirundo c’ibigiga birehareha n’imetero 18 vyari ahahora ububiko bw’ibirwanisho mu gisagara ca Saskatoon i Saskatchewan muri Kanada. Yabwiwe yuko ivyo bigiga vyari vyarakoreshejwe mu kwubaka iminara yakoreshwa mu guhanahana amakuru mu Ntambara ya mbere y’isi yose. Umuvukanyi Naish mu nyuma yiganye ati: “Nabonye ko twoshobora gukoresha ivyo bigiga mu kwubaka antene z’iradiyo, gutyo iciyumviro co gushinga iradiyo y’ivya gitewokarasi kiba kiravutse.” Haciye umwaka umwe gusa, mu 1924, iradiyo yitwa CHUC yaciye itangura gusamirana. Yari imwe mu maradiyo ya mbere yashikiriza ibiganiro bijanye n’ivy’idini muri Kanada.

Kanada, ikaba igomba kungana n’Uburaya mu bunini, yari ikibanza kibereye co kwamamarizamwo hakoreshejwe iradiyo. Florence Johnson, uwakorera kuri iyo radiyo i Saskatoon, yavuze ati: “Biciye ku biganiro vyashikirizwa kw’iradiyo yacu, ukuri kwarashikiriye abantu benshi tutari gushobora gushikira. Kandi kubera ko ico gihe iradiyo ari ho yari ikivuka, abantu bari bashashaye kwumviriza ikintu ico ari co cose cashikirizwa.” Mu 1926, Abatohoji ba Bibiliya (ukwo akaba ari ko Ivyabona vya Yehova bitwa ico gihe) barakoresha amaradiyo yabo bwite mu bisagara bine vyo muri Kanada.a

Ni ibiki wari kwumva iyo wugurura imwe muri ayo maradiyo? Abaririmvyi bo mw’ishengero ryo muri ako karere akenshi bararirimba bari kumwe n’ababavugiriza umuziki canke mbere bari kumwe n’imigwi mitomito y’abacuraranzi. Ariko ntiwumve, abavukanyi baranashikiriza insiguro bakongera bagahagarikira ibiganiro bishingiye kuri Bibiliya. Amy Jones, uno akaba yaragira uruhara muri ivyo biganiro, yavuze ivyo yibuka ati: “Igihe naba ndi mu busuku bwo mu ndimiro, naridondora maze hakaba igihe uwo nsanze ku muhana avuga ati: ‘Ego shaa, narakwumvise kw’iradiyo.’”

“Abaterefona bari benshi cane ku buryo tutashobora kubishura bose”

Abatohoji ba Bibiliya b’i Halifax i Nova Scotia, barakoresha uburyo bwari bushasha ico gihe. Barashikiriza insiguro kw’iradiyo maze abumviriza bagashobora guterefona bakabaza ibibazo bishingiye kuri Bibiliya. Umuvukanyi umwe yanditse ati: “Abantu baritabiriye bimwe bidasanzwe ico kiganiro. Abaterefona bari benshi cane ku buryo tutashobora kubishura bose.”

Nk’uko vyagendeye intumwa Paulo, ico gihe abantu bakira mu buryo butandukanye ubutumwa bwashikirizwa n’Abatohoji ba Bibiliya. (Ivyak. 17:1-5) Bamwe barabushima. Nk’akarorero, igihe Hector Marshall yumva Abatohoji ba Bibiliya bavuze kw’iradiyo ibijanye n’igitabu Étude des Écritures, yarasavye ibice bitandatu vy’ico gitabu. Mu nyuma yanditse ati: “Niyumviriye ko ivyo bitabu vyomfashije kwigisha ivyigwa vyo ku w’iyinga.” Ariko rero, igihe Hector yarangiza gusoma igice ca I c’ico gitabu, yaciye afata ingingo yo kuva mw’idini yarimwo. Yarabaye umwamamazanjili w’umunyamwete kandi yarakoreye Yehova ari umwizigirwa gushika apfuye mu 1998. Mu buseruko bwa Nova Scotia, haciye umusi umwe hasamirijwe insiguro yavuga ngo “Ubwami ni co cizigiro c’isi,” umukoloneli yitwa J. A. MacDonald yabwiye umuvukanyi wo muri ako karere ati: “Ejo, abantu b’i Cape Breton Island barumvise ubutumwa bwiza igitangaza abantu batari bwumve muri aka karere.”

Ariko rero, abakuru b’idini ryaraniga. Abagatolika bamwebamwe b’i Halifax baragize iterabwoba yuko baturitsa iradiyo yasamiriza ibiganiro vy’Abatohoji ba Bibiliya. Mu 1928, Leta ihimirijwe n’indongozi z’idini yaratangaje bukwi na bukwi yuko itosubiye guha Abatohoji ba Bibiliya uruhusha rwo kubandanya basamiriza ibiganiro ku maradiyo yabo. Abavukanyi na bashiki bacu baciye bashikiriza ubutumwa bwanditse bwo kwiyamiriza ako karenganyo bwavuga ngo Ni nde agaba ikirere? Ariko rero, abategetsi baranse gusubira guha Abatohoji ba Bibiliya uruhusha rwo gusamiriza ibiganiro vyabo.

Ivyo vyoba vyaraciye intege uwo mugwi mutoyi w’abasavyi ba Yehova wo muri Kanada? Isabel Wainwright yiyemereye ati: “Mu ntango, vyasa n’aho umwansi yatahukanye intsinzi. Mugabo nari nzi ko Yehova yari gushobora kubuza ico kintu iyo biba vyari bihuye n’umugambi wiwe. Bitegerezwa kuba rero vyasobanura yuko dukwiye gukoresha ubundi buryo buhambaye kuruta bwo kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami.” Abatohoji ba Bibiliya bo muri Kanada, aho kwishimikiza cane iradiyo mu gushinga intahe, baratanguye kwibanda ku kugendera abantu ku mihana yabo. Ariko rero, nta gukeka ko iradiyo yaranguye uruhara ruhambaye mu gihe cayo mu gusamiriza ‘ubutumwa bwiza igitangaza abantu batari bwumve.’​—Vyakuwe mu bushinguro bwacu bwo muri Kanada.

a Kugira ngo abavukanyi bo muri Kanada bashinge intahe biciye kw’iradiyo, baratanga kandi amahera kugira bacishe ibiganiro ku maradiyo y’ivy’ubudandaji.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika