Baramamaje Ijambo ry’Imana n’umutima rugabo!
Abakirisu b’ukuri baragaragaza umutima rugabo be n’ubutinyutsi igihe bariko bararwanywa, nk’uko vyerekanwa mu bisohokayandikiro nka kimwe gifise umutwe uvuga ngo ‘Nushinge intahe inogangije ku vyerekeye Ubwami bw’Imana’ be n’igifise uwuvuga ngo Les Témoins de Jéhovah: Prédicateurs du Royaume de Dieu. Cokimwe n’abo dusangiye ukwemera bo mu kinjana ca mbere, turitura Yehova mw’isengesho tumusaba ngo aduhe impwemu yiwe yongere adufashe kuvuga ijambo ryiwe tubigiranye ubutinyutsi.—Ivyak. 4:23-31.
Hari umuvukanyi yanditse ku bijanye n’igikorwa cacu co kwamamaza mu gihe ca ya ntambara ya mbere y’isi yose, ati: “Abasavyi b’Imana babigiranye umwete bariko barashikiriza igitabu kigira indwi co muri rwa rukurikirane rw’ibitabu Études des Écritures, kikaba cari gifise umutwe uvuga ngo Mystère de Dieu accompli. Cariko kirashikirizwa ku rugero ata kindi cari bwashikaneko. Inkuru y’Ubwami No. 1 yasohowe mu 1918. Hakurikiye Inkuru y’Ubwami No. 2, ikaba yasigura igituma igitabu Mystère de Dieu accompli cari cabujijwe n’abategetsi. Hakurikiye Inkuru y’Ubwami No. 3. Ivyo bisohokayandikiro vyarashikirijwe ku bwinshi na wa mugwi w’abarobanuwe b’abizigirwa. Vyasaba ukwizera n’umutima rugabo kugira ngo umuntu ashikirize Inkuru z’Ubwami.”
Muri iki gihe, abamamaji b’Ubwami bashasha usanga bamenyerezwa mu busuku, mugabo si ko vyamye. Umuvukanyi umwe w’umunyapolonye yaba muri Leta Zunze Ubumwe, mu kwibuka ivyamushikiye igihe yatangura kuja mu murimo wo mu ndimiro mu 1922, yanditse ati: “Kubera ko ntari nzi ingene noshikiriza ibisohokayandikiro, nkaba kandi navuga icongereza nabi, narahagaze imbere y’ibiro vy’umuganga umwe ndi jenyene maze ndadodora. Umuforomakazi umwe yaruguruye umuryango. Sinzokwigera nibagira ico kintu, kuko nari nahagaritse umutima. Igihe nariko ndugurura isakoshi yanje, ibitabu vyose vyarimwo vyaciye bikorokera ku birenge vya nya muforomakazi. Sinibuka ivyo navuze, mugabo naramuhaye igisohokayandikiro. Navuye ng’aho mfise umutima rugabo kandi niyumvamwo ko nahezagiwe na Yehova. Uwo musi naratanze udutabu twinshi kuri iryo barabara.”
Mushiki wacu umwe yavuze ati: “Nko mu 1933, abavukanyi benshi barakoresha imiduga y’ivyuma biduza amajwi mu kwamamaza ubutumwa bw’Ubwami.” Igihe kimwe, uwo mushiki wacu ari kumwe n’umugabo n’umugore b’Ivyabona, bariko baramamaza mu karere k’imisozi ka Kaliforniya muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Yiganye ati: “Uwo muvukanyi yaratwaye mwene uwo muduga hejuru muri iyo misozi, natwe dusigara epfo mu gisagara. Igihe yatangura kuvuza ubutumwa bwari bwafashwe amajwi, wamengo ayo majwi avuye mw’ijuru. Ababa muri ico gisagara baragerageje uko bashoboye kwose kurondera uwo muvukanyi, mugabo ntibashoboye kumutora. Ahejeje kuvuza ubwo butumwa, twaragendeye abantu bo ng’aho maze turababwira inkuru nziza. Narakoranye n’iyindi miduga ibiri nk’iyo kandi ndababwije ukuri yuko abantu benshi batashaka kwumva ubwo butumwa. Mugabo nta kundi bari kubigenza atari ukwumviriza izo nsiguro kubera ko ubutumwa bwava muri iyo miduga bwumvikanira mu ngo zabo. Twama nantaryo tubona yuko Yehova yatuma hakoreshwa uburyo bubereye ku gihe kibereye. Ubwo buryo bwasaba ko tugira umutima rugabo uko bishoboka kwose, mugabo bwama bushitsa intumbero yabwo, kandi izina rya Yehova ryaraninahajwe.”
Mu myaka ya 1930 no mu ntango z’imyaka ya 1940, ivyuma birekura amajwi vyitwa amafono hamwe n’insiguro zishingiye kuri Bibiliya zafashwe amajwi vyarakoreshwa mu busuku bwacu. Mushiki wacu umwe yiganye ati: “Umwigeme umwe dusangiye ukwizera yariko aramamaza inzu ku nzu akoresheje ifono. Atanguye kuvuza ivyafashwe amajwi ku muhana umwe, nyene inzu yaciye ashangashirwa cane ku buryo akubita umugere iyo fono ica igwa mw’ibaraza. Nta disiki n’imwe yamenetse. Abagabo batatu bariko barivuna umusase bari mu gikamyo cari gihagaze ng’aho barabonye ibibaye maze basaba nya mwigeme kubavugiriza ivyafashwe amajwi, hanyuma arabaha ibisohokayandikiro. Ivyo vyatumye yibagira ukuntu yari yafashwe nabi.” Vyasaba umutima rugabo kugira ngo umuntu yihanganire ibigeragezo nk’ivyo.
Uwo mushiki wacu nyene yongeyeko ati: “Ndibuka igihe igikorwa co gutanga ibinyamakuru ku mabarabara catangura mu 1940. Mu ntango, haragirwa amadefile yo kumenyesha ubutumwa. Abavukanyi n’abavukanyikazi baratonda umurongo maze bakagendera iruhande y’ibarabara bafise ivyapa vyanditseko ngo ‘Idini ni umutego kandi ni ububeshi’ na ‘Nusukurire Imana na Kristu we Mwami.’ Bagenda kandi barashikiriza ku buntu udupapuro tw’inkuru nziza. Vyasaba umutima rugabo kugira ngo umuntu agire uruhara muri iyo mice y’igikorwa, mugabo yaratumye abantu baguma babona izina rya Yehova n’abasavyi biwe.”
Hari uwundi mushiki wacu yavuze ati: “Igikorwa co gutanga ibinyamakuru mu bisagara bitobito cari kigoye cane. Carangurwa igihe Ivyabona barwanywa cane. . . . Vyasaba ko umuntu agira umutima rugabo kugira ngo ahagarare mw’ikorosi ry’ibarabara ariko arerekana ibinyamakuru yongera avuga n’ijwi rirenga amajambo twaba twahawe ngo dukoreshe. Yamara, ni gake twasiba ku musi wa gatandatu. Vyarashika abantu bakadufata neza. Mu bindi bihe na ho, utugwi tw’abantu bashangashiwe twaradukikuza, kandi rimwe na rimwe vyaraba ngombwa ko dutungwa n’ayo twameze kugira ngo ntibatugirire nabi.”
Naho Ivyabona vya Yehova bahamwe mu gihe ca ya Ntambara ya kabiri y’isi yose, bararanguye ubusuku bwabo babigiranye umutima rugabo. Mw’isekeza rimwe ryamaze imisi 43, guhera ku wa 1 Kigarama 1940 gushika ku wa 12 Nzero 1941, abamamaji nka 50.000 bo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika baratanze udutabu dushika imiliyoni umunani mu gihe cataziriwe ngo: Ikiringo co gushinga intahe n’“umutima rugabo.”
Abageze mu zabukuru benshi bo mw’ishirahamwe ry’Imana baribuka neza ingorane zabashikiye kera zasaba ko bagira umutima rugabo. Bamwebamwe baribuka yuko umutima rugabo wabo wamaze imyaka n’iyindi ugaragarira mu civugo baguma basubiramwo, kino kikaba cagira giti: Dushishikare urugamba gushika kw’iherezo! Ntituzi ubundi buryo tuzokoresha mu gushikiriza ubutumwa twahawe n’Imana imbere y’uko ivy’iyi si mbi bikurwaho. Ariko rero, tubifashijwemwo n’Imana tuzobandanya kwamamaza ijambo rya Yehova tubigiranye ukwizera n’umutima rugabo.
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 9]
Vyamye bisaba umutima rugabo kugira ngo umuntu agire uruhara mu gikorwa co kwamamaza Ubwami