Woba uvyibuka?
Woba warinovoye ugusoma inomero z’Umunara w’Inderetsi za vuba? Raba nimba ushobora kwishura ibibazo bikurikira:
• Kubera iki Mesiya yabwirizwa gupfa?
Urupfu rwa Yezu rwarerekanye ko umuntu atagira agasembwa ashobora kuguma yihebeye Imana naho yoshikirwa n’ibigeragezo bikomeye kuruta ibindi vyose. Vyongeye, yararishe igihano c’igicumuro abakomoka kuri Adamu barazwe, aba atumye bishoboka ko baronka ubuzima budahera.—15/12, urupapuro rwa 22-23.
• Ni igiki gishobora gufasha umuntu kuguma abona mu buryo bubereye ibijanye n’inzoga?
Isengesho be n’ukwiga Bibiliya birashobora gufasha. Gutsimbataza ukwigumya, kwumira ku mwiyemezo umuntu aba yaragize, no guhitamwo abagenzi beza birahambaye. Uwuhisemwo kunywa inzoga akwiye kwishingira uturimbi ntabanduka, akiga kuvuga oya.—1/1, urupapuro 7-9.
• Guseruriranira akari ku mutima n’abana mu buryo ngirakamaro birimwo n’iki?
Uretse gusa kubayagisha, birimwo no kubabaza ibibazo maze ugateka ugutwi wihanganye inyishu batanga. Benshi basanze ibihe vyo gufungura bibaronsa uturyo twiza two guseruriranira akari ku mutima.—15/1, urupapuro rwa 18-19.
• Ko Yehova atunganye, ashobora gute none kwicuza?
Rimwe na rimwe, Imana irahindura ukuntu ibona abantu. Nk’akarorero, incuro zitari nke, Abisirayeli ba kera baraheba Yehova bagakurikira izindi mana. Yehova yaca areka kubakingira. Ariko rero, igihe abo bantu baba bigaye kubera ikosa ryabo maze bagatakambira Imana ngo ibafashe, yarahindura ukuntu yiyumva ku biberekeye, ni ukuvuga ko ‘yicuza.’ (Abac. 2:18, NW)—1/2, urupapuro rwa 21.
• Ni ryari hoshobora kurimburwa ibijanye no gusubira kubatizwa?
Ivyo vyoba nimba igihe umuntu yabatizwa, yari abayeho akora mu mpisho ikintu cari gushobora gutuma acibwa iyo aza kuba yari amaze kubatizwa mu buryo bwemewe.—15/2, urupapuro rwa 22.
• Ni ivyitwazo bitatu ibihe abantu bamwebamwe batanga kugira ngo basigure igituma ari ingunge?
Abantu bamwebamwe babona ko bafise imvo yumvikana yo kwiba kubera ko ari abakene. Abandi bariba, bakitwaza ngo “Bose barabigira.” Abandi na bo batoye ibintu vy’agaciro bagaca babigumya, bitwaje ngo: “Barata baratora.” Nta citwazo na kimwe muri ivyo Bibiliya ishigikira.—1/3, urupapuro rwa 12-14.
• Muri wa mugani wa Yezu werekeye ingano n’icatsi kibi, ukubiba ari kwo guteragira imbuto nziza, bigereranya iki?
Umwana w’umuntu ari we Yezu yarateguye indimiro mu kiringo c’ubusuku bwiwe bwo ng’aha kw’isi. Kuva kuri Pentekoti yo mu 33 G.C., imbuto nziza zarabibwe igihe abakirisu barobanurwa bakaba abana b’Imana, ni ukuvuga abana b’Ubwami.—15/3, urupapuro rwa 20..
• Ni mu buryo nyabaki ingano z’ikigereranyo zivugwa muri wa mugani wa Yezu ziriko zirazanwa mu kigega ca Yehova? (Mat. 13:30)
Iranguka ry’uwo mugani ryarabandanije gushika mu kiringo c’insozero y’ivy’iyi si. Abana b’Ubwami barobanuwe, abagereranywa na za ngano, baba bariko barazanwa mu kigega ca Yehova igihe bazanwa mw’ishengero rya gikirisu ryasubijwe umutamana canke igihe baronka impembo yabo yo kuja kuba mw’ijuru.—15/3, urupapuro rwa 22.
• Ni nde yerekanye ibitabu vyemewe bigize Bibiliya vyo mu Vyanditswe vy’ikigiriki vya gikirisu?
Si inama yinaka y’idini canke indongozi yinaka y’idini. Ahubwo riho, abakirisu b’ukuri, bayobowe n’impwemu nyeranda y’Imana, baratahuye ivyanditswe vyahumetswe vy’ukuri ivyo ari vyo. Ivyo birahuye n’ukuba imwe mu ngabirano z’impwemu zo gukora ibitangaro zatanzwe mu myaka mirongo yo mu ntango y’ishengero rya gikirisu yari “ugutahura amajambo yahumetswe.” (1 Kor. 12:4, 10)—1/4, urupapuro rwa 28.