ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w10 15/4 rup. 20-24
  • Nuhindukize amaso yawe woye kuraba ibitagira ikimazi!

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nuhindukize amaso yawe woye kuraba ibitagira ikimazi!
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ingene amaso yacu ashobora kutuzimiza
  • Turakeneye kwicungera
  • Ibintu bitagira ikimazi dukwiye kwirinda
  • Nukurikire akarorero ka Yezu
  • Nugume ufise ijisho “riremuruye”
  • Ingene wokwirinda umwe mu mitego ya Shetani
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2019
  • Murabe ukuntu mubwirizwa kumera
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Amashusho y’ubushegabo yoba ata co atwaye canke ni ishano?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Amashusho y’ubushegabo
    Be maso!—2013
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
w10 15/4 rup. 20-24

Nuhindukize amaso yawe woye kuraba ibitagira ikimazi!

“Ukebukishe amaso yanje, noye kurāba ibitagira ikimazi; ungirire muzima mu nzira zawe.”​—ZAB. 119:37.

1. Ingabirano yo kubona ihambaye ku rugero rungana iki?

ESE ukuntu ubushobozi bwacu bwo kubona ari ubw’agaciro! Biciye kuri bwo, turashobora kumenya ibidukikije mu kanya gatoya, tukabona ukuntu bingana n’ukuntu bisa. Ubushobozi bwacu bwo kubona buratuma dushobora kubona abagenzi bacu no kubona ingeramizi. Biciye kuri bwo, turabona ubwiza, tugatahura ibitangaza vy’irema, tukongera tukibonera ikimenyamenya c’uko Imana iriho n’ic’ubuninahazwa bwayo. (Zab. 8:3, 4; 19:1, 2; 104:24; Rom. 1:20) Vyongeye, ubushobozi bwacu bwo kubona, kubera yuko ari umuhora uhambaye rwose ushikana amakuru mu muzirikanyi, burarangura uruhara ruhambaye mu vyo kudufasha kwironsa ubumenyi bwerekeye Yehova no kurushiriza kumwizera.​—Yos. 1:8; Zab. 1:2, 3.

2. Kubera iki dukwiye kwitwararika ibijanye n’ivyo tubona, kandi ni igiki dushobora kwigira ku kintu umwanditsi wa Zaburi yasavye yinginga?

2 Ariko rero, ivyo turaba birashobora no kutugirira nabi. Isano riri hagati y’ubushobozi bwacu bwo kubona n’umuzirikanyi wacu rirakomeye rwose ku buryo ivyo tubona n’amaso yacu bishobora gutuma dutangura kugira ivyipfuzo mu mutima canke bigatuma ivyo vyipfuzo birushiriza gukomera. Vyongeye, kubera ko tuba mw’isi yataye ubuntu kandi irondera kwiryohera gusa itwarwa na Shetani wa Mubesheranyi, turacucagirwa amashusho n’ivyiyumviro bishobora kutuzimiza bitagoranye, naho twoba tubiterejeko akajisho gusa. (1 Yoh. 5:19) Ntibitangaje rero kubona umwanditsi wa Zaburi yaringinze Imana ati: “Ukebukishe amaso yanje, noye kurāba ibitagira ikimazi; ungirire muzima mu nzira zawe.”​—Zab. 119:37.

Ingene amaso yacu ashobora kutuzimiza

3-5. Ni izihe nkuru zo muri Bibiliya zerekana ingeramizi iri mu kureka amaso yacu akadukwegakwega?

3 Rimbura ivyashikiye wa mugore wa mbere Eva. Shetani yavuze yuko amaso yiwe ‘yokwihweje’ aramutse ariye icamwa co ku “giti kimenyekanisha iciza n’ikibi.” Eva ashobora kuba yarakwegerewe n’iciyumviro co kubona amaso yiwe ‘yihweza.’ Icipfuzo ciwe co kurya nya camwa kibujijwe carongerekanye igihe “[yabona] ico giti yukw ar’ikibereye kuribga, kandi ko gihimbaye mu jisho, ar’igiti co kwifuzwa.” Kuraba ico giti abigiranye ugucambirwa vyatumye Eva agambarara itegeko ry’Imana. Umugabo wiwe Adamu na we nyene yaragambaraye, ivyo bikaba vyarakwegeye akarambaraye abantu bose.​—Ita. 2:17; 3:2-6; Rom. 5:12; Yak. 1:14, 15.

4 Mu gihe ca Nowa, abamarayika bamwebamwe na bo nyene barohejwe n’ivyo babonye. Mw’​Itanguriro 6:2 herekeza kuri bo hati: “Abana b’Imana bitegereje abakobga b’abantu babona ari beza; barongora muri bo abo bitoranirije bose.” Kuraba abakobwa b’abantu mu buryo bwo kubipfuza vyaravyuye muri nya bamarayika b’abagarariji icipfuzo co guhuza ibitsina n’abantu kidahuye n’ukuntu baremwe, maze abo bamarayika bavyara abana b’inkazi. Ububi bw’abantu bo muri ico gihe bwatumye abantu bose batikizwa, ukuyemwo Nowa n’umuryango wiwe.​—Ita. 6:4-7, 11, 12.

5 Haciye ibinjana, amaso ya wa Mwisirayeli Akani yaramukwegakweze atuma yiba ibintu bimwebimwe vyo mu gisagara ca Yeriko cari cigaruriwe. Imana yari yategetse ko ibintu vyose vyo muri ico gisagara bitikizwa, uretse ibintu binaka vyabwirizwa gushirwa mu bubiko bwa Yehova. Abisirayeli bagabishijwe bati: “Mwirinde . . . ikintu co gutikizwa, kugira ngo ntimugire icipfuzo” mugatora ku bintu bimwebimwe vyo mu gisagara. Igihe Akani yagambarara, abantu bo muri Isirayeli baranesherejwe imbere y’igisagara ca Ayi, abatari bake muri bo barapfa. Akani yagiye kwemanga ubusuma bwiwe ari uko ashizwe ku kabarore. Akani yavuze ati: “Nabonye” ivyo bintu, “ndaheza ndavyifuza, ndabitwara.” Icipfuzo c’amaso yiwe catumye atikirana n’“ivyo yar’afise vyose.” (Yos. 6:18, 19; 7:1-26, gereranya na NW.) Akani yaripfuje mu mutima wiwe ivyo yari yabujijwe.

Turakeneye kwicungera

6, 7. Mu bigize “imigabo” ya Shetani ni igiki gikunze gukoreshwa kugira ngo kidutege, kandi ni gute abahaya ibidandazwa bagikoresha?

6 Muri iki gihe abantu baroshwa mu buryo busa n’ubwakoreshejwe mu vyashikiye Eva, ba bamarayika b’abagambarazi, na Akani. Mu “migabo” Shetani akoresha kugira ngo azimize abantu, gukwegera “icipfuzo c’amaso” ni vyo bifise ububasha kuruta ibindi vyose. (2 Kor. 2:11; 1 Yoh. 2:16) Abahaya ibidandazwa bo muri iki gihe barazi neza ingene amaso yamye afise ububasha bwo gukwegera abantu ku bintu. Umuhinga kizigenza mu vy’ubudandaji w’Umunyaburaya avuga ati: “Ubushobozi bwo kubona ni bwo bukwegakwega kuruta ubundi bwose budufasha kumenya ibidukikije. Akenshi usanga buganza ubundi bushobozi bwose, kandi bushobora gutuma dukora ibihushanye n’ivyo dusanzwe tuzi yuko bibereye.”

7 Ntibitangaje kubona abahaya ibidandazwa baducucagira amashusho yateguwe mu buryo burimwo urwenge yagenewe kutugirako akosho gakomeye cane igihe tuyaravye, agatuma duhurumbira ibidandazwa vyabo canke ibikorwa bodukorera! Umushakashatsi umwe wo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika yagize ubushakashatsi ku kuntu guhaya ibidandazwa bigira akosho ku bantu, yavuze yuko “bitagenewe gusa gutanga amakuru yo mu bwenge, mugabo igihambaye kuruta, vyagenewe kuvyura mu muntu inyiyumvo zinaka zituma agira ico akoze.” Kimwe mu bintu bikunze gukoreshwa ni amashusho avyura inambu y’umubiri. Hari abakunda kwivugira bati: “Kwerekana ivy’igitsina birimwo akanoti.” Ese ukuntu bihambaye rero yuko dusuzuma ivyo turaba n’ivyo tureka ngo vyinjire mu muzirikanyi wacu no mu mutima wacu!

8. Ivy’uko dukeneye kurinda amaso yacu bishimikwako gute muri Bibiliya?

8 Abakirisu b’ukuri ntibatewe urucanco rubakingira icipfuzo c’amaso n’ic’umubiri. Ni co gituma Ijambo ry’Imana rituremesha kwicungera mu bijanye n’ivyo turaba be n’ivyo ducambirwa. (1 Kor. 9:25, 27; soma 1 Yohani 2:15-17.) Wa mugabo w’umugororotsi Yobu yaratahura isano rikomeye riri hagati yo kuraba no kwipfuza. Yavuze ati: “Nasezeranye isezerano n’amaso yanje; none noshobora nte gushira ijisho ku mwigeme?” (Yobu 31:1) Uretse ko Yobu yanka gukora ku mugore mu buryo burangwa ubuhumbu, ntiyareka mbere ngo umuzirikanyi wiwe ugire iciyumviro nk’ico. Yezu yarashimitse ku vy’uko dutegerezwa kurinda umuzirikanyi wacu ivyiyumviro vy’ubuhumbu igihe yavuga ati: “Umuntu wese aguma araba umugore bigatuma amugirira inambu, aba amaze kurenga ibigo kuri we mu mutima wiwe.”​—Mat. 5:28.

Ibintu bitagira ikimazi dukwiye kwirinda

9. (a) Kubera iki tubwirizwa kwiyubara bimwe bidasanzwe igihe turiko dukoresha bwa buhinga bwa Internet? (b) Kuraba, naho koba gatoyi, amashusho yerekana ivy’ubushegabo bishobora kuvamwo iki?

9 Mw’isi ya kino gihe, ‘kuguma umuntu araba’ amashusho yerekana ivy’ubushegabo, canecane kuri bwa buhinga bwa Internet bitera birushiriza kuba ibisanzwe. Si ngombwa ngo turondere mwene iyo mihora, yoyo iraturondera! Uti gute? Itangazo ryo guhaya ikidandazwa riri kumwe n’ishusho ikwegera birashobora kuboneka giturumbuka kuri orodinateri yawe. Canke agakete kaboneka ko ata co gatwaye, umaze kukugurura, koshobora guca kavamwo bukwi na bukwi ishusho yerekana ivy’ubushegabo yateguwe ku buryo kuyizimya biba urugamba. N’aho umuntu yotereza gusa akajisho kuri iyo shusho imbere y’uko ayihanagura, iba yamaze kwiyandika mu muzirikanyi wiwe. Gutereza gusa akajisho ku mashusho yerekana ivy’ubushegabo birashobora kuvamwo inkurikizi zibabaje. Birashobora gutuma umuntu asigara afise ijwi ryo mu mutima rimwagiriza ikibi, bigatuma kandi asigara anyinyana no gufuta mu muzirikanyi wiwe ibintu vy’ubushegabo yabonye. N’ikiruta ivyo, umuntu “aguma araba” n’ibigirankana ayo mashusho ntaba arica ivyipfuzo vyiwe bitemewe.​—Soma Abanyefeso 5:3, 4, 12; Kol. 3:5, 6.

10. Ni kubera iki abana ari bo canecane babangamirwa n’amashusho yerekana ivy’ubushegabo, kandi bayihweje bishobora kuvamwo iki?

10 Abana barashobora kwisuka mu vyo kuraba amashusho yerekana ivy’ubushegabo biciye ku gatima basanzwe bafise ko kurondera kumenya ibintu. Ivyo biramutse bishitse, birashobora kugira ingaruka zimara igihe kirekire ku bijanye n’ukuntu babona ivy’igitsina. Nk’uko bivugwa na raporo imwe, izo ngaruka zoshobora kuva ku kubona ibijanye n’igitsina mu buryo bugoramye gushika ku “kutoroherwa n’ukuguma umuntu afitaniye n’abandi imigenderanire myiza kandi irangwa urukundo; kubona abagore mu buryo butari bwo; gushobora kwizizirwa n’amashusho yerekana ivy’ubushegabo, ivyo bikaba bishobora kubangamira ibijanye n’ishure, ubugenzi afitaniye n’abandi be n’imigenderanire afitaniye n’abo mu rugo.” Ingaruka bagira mu nyuma mu mubano w’ababiranye zoshobora mbere kuba agacavutu kuruta.

11. Tanga akarorero kerekana ingeramizi iri mu kuraba amashusho yerekana ivy’ubushegabo.

11 Umuvukanyi umwe, yanditse ati: “Mu bintu vyose vyari vyaranyiziziye imbere y’uko mba Icabona, amashusho yerekana ivy’ubushegabo ni co kintu cari kigoye rwose guheba kuruta ibindi vyose. Ndacabona ayo mashusho mu bihe bimwebimwe, ano akaba akaburwa n’akamoto gapfuye kwiyadukiza, umuziki munaka, ico mbonye, canke mbere iciyumviro kitabereye. Ni urugamba ndwana ku musi ku musi kandi ntatezura.” Uwundi muvukanyi, akiri umwana yararaba ibinyamakuru vyo mw’isi vyarimwo amashusho yerekana ivy’ubushegabo vya se wiwe, igihe abavyeyi biwe baba batari i muhira. Yanditse ati: “Urazi ukuntu ayo mashusho yagize ingaruka zibabaje ku muzirikanyi wanje utari bwakomere! Mbere n’ubu haciye imyaka 25, amwamwe muri ayo mashusho aracanza mu bwenge. Naho ndwana urugamba rukomeye, ayo mashusho nta ho araja. Ivyo bituma niyagiriza, naho nirinda kuguma ndayiyumvira.” Ese ukuntu biranga ubukerebutsi kwirinda mwene izo nyiyumvo zitesha umutwe mu kutaraba ibintu bitagira ikimazi! None umuntu yobishikako gute? Arakeneye kwihata kugira ngo ‘iciyumviro cose akigire imbohe ngo atume kigamburukira Kristu.’​—2 Kor. 10:5.

12, 13. Ni ibintu ibihe bitagira ikimazi abakirisu bategerezwa kwirinda, kandi kubera iki?

12 Ikindi kintu “c’imburakimazi” (NW), canke kitagira ikimazi dukwiye kwirinda ni ukwinezereza kuremesha agatima ko gukunda amaronko canke ivy’ubupfumu kibure kwerekana ubukazi, ugusesa amaraso be n’ivy’ubwicanyi. (Soma Zaburi 101:3.) Abavyeyi bakirisu barafise ibanga imbere ya Yehova ryo kuba abantu barobanura ku bijanye n’ivyo bareka ngo birabirwe mu ngo zabo. Birumvikana ko ata mukirisu w’ukuri yokwisuka mu vy’ubupfumu n’ibigirankana. Naho ari ukwo, abavyeyi barakeneye kumenya amasinema, udukino two kuri televiziyo, udukino two kuri videwo, udukuru dutwenza be n’ibitabu vy’abana vyerekana ibikorwa bijanye n’amageza.​—Imig. 22:5.

13 Twaba tukiri bato canke dukuze, amaso yacu ntakwiye guhimbarwa n’udukino two kuri videwo twerekana ubukazi n’utwerekana ubwicanyi buteye ikinya bwerekanwa nk’ibintu bibaho koko. (Soma Zaburi 11:5.) Tubwirizwa kwanka gushira umuzirikanyi wacu ku gikorwa ico ari co cose Yehova yiyamiriza. Uribuka yuko Shetani arondera canecane kwonona ivyiyumviro vyacu. (2 Kor. 11:3) Mbere no kumara umwanya muremure turorera ibintu vy’ukwinezereza vyoba bibonwa yuko vyemewe, birashobora kubangamira ugusenga kwo mu muryango, ugusoma Bibiliya ku musi ku musi, be n’ugutegura amakoraniro kwacu.​—Flp. 1:9, 10.

Nukurikire akarorero ka Yezu

14, 15. Ni igiki cibonekeje ku bijanye n’akigoro Shetani yagize ubugira gatatu arondera kwosha nabi Kristu, kandi Yezu yashoboye gute kugitsinda?

14 Ikibabaje ni uko muri iyi si hariho ibintu bimwebimwe bitagira ikimazi tudashobora kwirinda kuraba. Mbere na Yezu yarahatiwe kuraba ivyo bintu. Mu kigoro Shetani yagize ubugira gatatu arondera gutuma Yezu aheba gukora ivyo Imana igomba, ‘uwo Mubesheranyi yamujanye ku musozi muremure bidasanzwe, amwereka ubwami bwose bw’isi be n’ubwiza bwabwo.’ (Mat. 4:8) Kubera iki Shetani yabigize gutyo? Nta gukeka ko yashaka gufatira ku kosho gakomeye ijisho rifise. Kuraba ubwiza bw’ubwami bwose bwo mw’isi vyari gushobora gukwegakwega Yezu akagira icipfuzo co kuba rurangiranwa mw’isi. None Yezu yavyifashemwo gute?

15 Yezu ntiyagumye yiyumvira ico kintu gikwegera yari yemerewe. Ntiyaretse ngo umutima wiwe ugire ivyipfuzo bibi. Kandi ntivyabaye ngombwa ko yihweza yitonze ivyo Shetani amwemereye kugira ngo abone kuvyanka. Yezu yaciye ubwo nyene agira ico akoze. Yategetse ati: “Ja hiyo, Shetani!” (Mat. 4:10) Yezu yagumye yiyumvira ubucuti afitaniye na Yehova maze yishura yisunze umugambi afise mu buzima, na wo ukaba ari uwo gukora ivyo Imana igomba. (Heb. 10:7) Ivyo vyatumye Yezu ashobora guhindura ubusa umugambi w’urwenge wa Shetani.

16. Ni ivyigwa ibihe dushobora kwigira ku karorero Yezu yatanze mu vyo kunanira inyosha mbi za Shetani?

16 Turashobora kwigira vyinshi ku karorero ka Yezu. Ica mbere, nta n’umwe yatewe urucanco rumukingira ubuhinga Shetani akoresha. (Mat. 24:24) Ica kabiri, ivyo tugumizako amaso birashobora gutuma ivyipfuzo vy’umutima wacu bikomera, tugakora iciza canke ikibi. Ica gatatu, Shetani aragerageza gufatira ku “cipfuzo c’amaso” uko ashoboye kwose arondera kutuzimiza. (1 Pet. 5:8) Ica kane na co, natwe turashobora kurwanya Shetani, canecane tugize ico dukoze tudatebaganye.​—Yak. 4:7; 1 Pet. 2:21.

Nugume ufise ijisho “riremuruye”

17. Kubera iki bitaranga ubukerebutsi kurindira gushika duhanganye n’ikintu kitagira ikimazi tukabona gufata ingingo y’ico twokora?

17 Ukwiyegurira Yehova kwacu kurimwo isezerano twagize ku mugaragaro ryo guca kure ibitagira ikimazi. Iyo turaganye gukora ivyo Imana igomba, tuba twiyunze ku mwanditsi wa Zaburi mu kuvuga duti: “Nabujije ibirenge vyanje inzira mbi yose, kugira ngo nitondere ijambo ryawe.” (Zab. 119:101) Kurindira gushika duhanganye n’ikintu kitagira ikimazi tukabona gufata ingingo y’ico twokora ntibiranga ubukerebutsi. Ibintu Ivyanditswe vyiyamiriza twarabitomorewe. Ntituyobewe imigabo ya Shetani. Mbega ni ryari Yezu yohejwe guhindura amabuye imikate? Ni aho amariye imisi 40 n’amajoro 40 yisonzesha maze ‘agasonza.’ (Mat. 4:1-4) Shetani arashoboye kumenya igihe tugoyagoya bikaba bishoboka cane yuko dutwarwa n’inyosha mbi. Ku bw’ivyo rero, ubu ni co gihe co kwihweza ivyo bintu twitonze. Ntube nzobandabikora! Nitwagumiza ku muzirikanyi ku musi ku musi ukwiyegurira Yehova kwacu, tuzokwiyemeza dushikamye guca kure ibitagira ikimazi.​—Imig. 1:5; 19:20.

18, 19. (a) Erekana itandukaniro riri hagati y’ijisho “riremuruye” n’ijisho “ribi.” (b) Kubera iki bihambaye ko tuguma twiyumvira ibintu vy’agaciro, kandi ni impanuro iyihe mu Bafilipi 4:8 hatanga ku bijanye n’ivyo?

18 Ku musi ku musi, turahura n’ibinezereza vyinshi bikwegakwega amaso, kandi biguma birushiriza kwongerekana. Turashobora rero kurushiriza guha agaciro kuruta uko twahora impanuro Yezu yatanze yo kuguma dufise ijisho “riremuruye.” (Mat. 6:22, 23) Ijisho “riremuruye” riba rishinze gusa ku mugambi umwe, ni ukuvuga umugambi wo gukora ivyo Imana igomba. Igitandukanye n’ivyo, ijisho “ribi” ni iry’urwenge, rifise umwina, kandi rikwegakwegwa n’ibintu bitagira ikimazi.

19 Uribuka yuko amaso yacu agaburira umuzirikanyi wacu, umuzirikanyi wacu na wo ukagaburira umutima wacu. Ese ukuntu rero bihambaye yuko tuguma twiyumvira ibintu vy’agaciro. (Soma Abafilipi 4:8.) Nkako, nimuze tubandanye gusenga dusaba ibihuye n’isengesho umwanditsi wa Zaburi yatuye ati: “Ukebukishe amaso yanje, noye kurāba ibitagira ikimazi.” Maze, uko twita ku rutare kugira ngo dukore duhuza n’iryo sengesho, turashobora kwemera tudakeka yuko Yehova ‘azotugirira bazima mu nzira ziwe.’​—Zab. 119:37; Heb. 10:36.

Dukwiye kwibuka iki ku vyerekeye . . .

• isano riri hagati y’amaso yacu, umuzirikanyi wacu be n’umutima wacu?

• ingeramizi ziri mu kurorera amashusho yerekana ivy’ubushegabo?

• igituma bihambaye ko tuguma dufise ijisho “riremuruye”?

[Amafoto ku rup. 23]

Ni ibintu bitagira ikimazi ibihe abakirisu bategerezwa kwirinda kuraba?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika