Yezu yaratanze ubuzima bwiwe ku bwa benshi
Yezu Kristu yabwiye abayoboke biwe yuko yaje kw’isi, “atari kugira ngo asukurirwe, ariko kugira ngo asukurire abandi no kugira ngo atange ubuzima bwiwe bwa ncungu ya benshi.” (Matayo 20:28) Yarahevye ubuzima bwiwe abigiranye umutima ukunze ku bw’ineza y’abandi.
None Yezu yatanze incungu gute biciye ku rupfu rwiwe? Ni kubera iki ivyo vyari bikenewe? Ni bande Yezu yatangiye ubuzima bwiwe? Kandi urupfu rwiwe rusobanura iki kuri wewe?
Ivyabona vya Yehova baragutumiye n’igishika cinshi kugira ngo uze wifatanye na bo musuzume inyishu Bibiliya itanga kuri ivyo bibazo. Muri uyu mwaka, umusi wo kwibuka urupfu rwa Yezu uzohurirana no ku wa kabiri, igenekerezo rya 30 Ntwarante, izuba rirenze. Kuri uwo musi, inyishu zishingiye ku Vyanditswe z’ibibazo biri aho haruguru zizotangwa.
Woshobora kwitaba urwo rubanza ku Ngoro y’Ubwami iri hafi y’aho uba. Turakwinginze ubaze Ivyabona vya Yehova bo ng’aho iwanyu kugira bakubwire neza isaha be n’aho urwo rubanza ruzobera.