“Uburenganzira umwana afise bwo gutera imbere mu vy’impwemu”
IGENEKEREZO rya 9 Kigarama 2008, ishure rimwe ryo muri Suwede riraba ibijanye n’uburenganzira bw’umwana ryaratunganije inama nkarishabwenge idasanzwe yari ifise umutwe uvuga ngo “Uburenganzira umwana afise bwo gutera imbere mu vy’impwemu.” Hariho ivyiyumviro bitari bike vyashikirijwe n’abari baje baserukira idini nyamukuru ry’Abanyasuwede, abaserukiye iyindi migwi y’amadini y’abiyita abakirisu, abaserukiye idini rya Isilamu be n’abari baserukiye umuhari w’abitwa ngo ni aba humanistes.
Umukuru w’idini umwe ari mu bafashe ijambo, yavuze ati: “Umuntu ntiyoshobora kudondora ata kwihenda kandi ataho ahengamiye ukuntu inkuru zo muri Bibiliya ari iz’agaciro cane ku bijanye n’iterambere ryo mu vy’impwemu ry’abana.” None imirongo yo mu Vyanditswe ironsa gute abana ivyo bakeneye mu vy’impwemu?
Wa mukuru w’idini yavuze kandi ati: “Ibisomwa be n’inkuru ziganwa, biratuma abana baronka ibintu bashobora kuzirikanako ari bonyene.” Yaciye adondagura “inkuru yerekeye Adamu na Eva, Kayini na Abeli, Dawidi na Goliyati, ivuka rya Yezu, wa mutozakori Zakayo, umugani werekeye umwana w’icangazi, uwerekeye Umusamariya w’imbabazi.” Izo nkuru zavuzwe ko ari “zimwezimwe mu nkuru z’akarorero zikora mu bijanye no kuyobora ivyiyumviro [vy’umwana] mu mice ihambaye cane mu buzima bw’umuntu yerekeye ubuhemu, imbabazi, impongano, urwanko, ukwononekara, ugusubiza hamwe be n’urukundo rwa kivukanyi kandi ruzira ubwikunzi.” Yongeyeko ati: “Ivyo bisomwa birerekana ibintu bishobora guhinduka mu buzima bw’umuntu, bikagira ico bikoze, kandi bikaba ngirakamaro.”
Ego ni ko, kuremesha abantu gusoma Bibiliya usanga ari vyiza. Ariko none, ubwo abana boba vy’ukuri bashoboye “kuzirikana ari bonyene” ku vyo basoma mu Vyanditswe, hanyuma bagashika ku vyiyumviro bitomoye?
N’abantu bakuze barakenera gusigurirwa imirongo yo mu Vyanditswe. Nk’akarorero, Bibiliya iratubwira ibijanye n’umugabo atashoboye gutahura neza ivy’impwemu biciye “ku kuzirikana ari wenyene.” Uwo mugabo yari umutegetsi umwe w’Umunyetiyopiya. Yariko asoma ubuhanuzi bwa Yesaya, mugabo ntatahure ico busobanura. Kubera ko yashaka gutahura ubutumwa uwo muhanuzi yashikirije, yaremeye n’umutima ukunze insobanuro yahawe n’umwigishwa Filipo. (Ibik. 8:26-40) Uwo Munyetiyopiya si we wenyene yari akeneye gufashwa gutahura Ivyanditswe. Twese, na canecane abana, turakeneye gusigurirwa imirongo yo mu Vyanditswe.
Bibiliya ituburira iti: “Ubupfu buba buhambiriwe ku mutima w’umwana.” (Imig. 22:15) Abana barakeneye kugirwa inama no guhabwa ubuyobozi, kandi abavyeyi babo barafise ibanga ryo kubaronsa inyigisho yerekeye ivy’Imana be n’ivy’inyifato runtu, iyo nyigisho na yo ikaba ishingiye kuri Bibiliya no ku bintu vyigishwa mw’ishengero rya gikirisu. Abana barafise uburenganzira bwo kumenyerezwa muri ubwo buryo. Barakeneye gufashwa kuva bakiri bato ngo bishirireho umushinge ukomeye ushingiye kuri Bibiliya wotuma bagira iterambere ryo mu vy’impwemu kugira ngo bazoshobore kuba “abantu bahumuye abo ububasha bwabo bwo gutegera, biciye ku gukoreshwa, bumenyerezwa gutandukanya iciza n’ikibi.”—Heb. 5:14.