ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w10 15/2 rup. 14-18
  • “Impwemu na wa mugeni biguma bivuga biti: ‘Ingo!’”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “Impwemu na wa mugeni biguma bivuga biti: ‘Ingo!’”
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ubutumire bwerekeye bose!
  • “Wa mugeni” aravuga ati: “Ingo!”
  • “Uwo wese yumva navuge ati: ‘Ingo!’”
  • “Impwemu” iravuga iti: “Ingo!”
  • “Biguma bivuga biti: ‘Ingo!’”
  • Guma uvuga uti: “Ingo!”
  • Nugende wisunga impwemu ubone kubaho uhuza n’ukwiyegura kwawe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Isekeza ridasanzwe ryo gutangaza ivyerekeye Icibutso!
    Igikorwa dukorera Ubwami—2009
  • Yezu yashaka kuvuga iki mu kuvuga ngo «nkurikira»?
    “Ingo unkurikire”
  • Amazi adudubiza ngo atange ubuzima budahera
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
w10 15/2 rup. 14-18

“Impwemu na wa mugeni biguma bivuga biti: ‘Ingo!’”

“Impwemu na wa mugeni biguma bivuga biti: ‘Ingo!’ . . . Uwo wese anyotewe naze; uwo wese ashaka niyakire amazi y’ubuzima ku buntu.”​—IVYAH. 22:17.

1, 2. Ivyungura Ubwami bikwiye gufata ikibanza ikihe mu buzima bwacu, kandi kubera iki?

MBEGA ivyungura Ubwami bikwiye gufata ikibanza ikihe mu buzima bwacu? Yezu yahimirije abayoboke biwe ‘kuguma babanza kurondera ubwami,’ abakura amazinda yuko baramutse babigenjeje gutyo Imana yobaronkeje ivyo bari bakeneye. (Mat. 6:25-33) Ubwami bw’Imana yabugereranije n’imaragarita y’agaciro kanini cane, ku buryo umudandaza w’ingenzi yayibonye yaciye “agurisha ibintu vyose yari afise maze arayigura.” (Mat. 13:45, 46) None wumva tudakwiye guha agaciro kanini cane igikorwa co kwamamaza Ubwami no guhindura abantu abigishwa?

2 Nk’uko twabibonye mu biganiro bibiri vy’imbere y’iki, kuba tuvugana ubutinyutsi be no kuba dukoresha Ijambo ry’Imana mu busuku tubigiranye ubuhanga, birerekana ko tuyoborwa n’impwemu y’Imana. Iyo mpwemu iragira kandi ikintu kinini iterereye mu bijanye n’ukugira uruhara tudahorereza mu gikorwa co kwamamaza Ubwami. Reka tubirabe.

Ubutumire bwerekeye bose!

3. Ni amazi bwoko ki abantu bose batumirirwa ‘kuza’ kwakira?

3 Hari ubutumire bwerekeye abantu bose bwatanzwe biciye ku mpwemu nyeranda. (Soma Ivyahishuwe 22:17.) Ubwo butumire busaba uwo wese anyotewe ‘kuza’ maze akamarwa inyota n’amazi adasanzwe. Ayo si amazi asanzwe agizwe n’uduhimba tubiri tw’umwuka witwa idurojene (hydrogène) be n’agahimba kamwe k’umwuka witwa ogisijeni (oxygène). Naho amazi nya mazi ahambaye cane kugira ngo abantu babandanye kubaho kw’isi, Yezu yari afise mu muzirikanyi amazi y’ubundi bwoko igihe yabwira wa Musamariyakazi yari kw’iriba ati: “Uwo wese anywa ku mazi nzomuha ntazokwigera anyoterwa na gato, mugabo amazi nzomuha azocika muri we isôko ry’amazi adudubiza ngo atange ubuzima budahera.” (Yoh. 4:14) Ayo mazi adasanzwe abantu batumirirwa kunywa, atanga ubuzima budahera.

4. Vyangeze gute ngo amazi y’ubuzima atangure gukenerwa, kandi ayo mazi agereranya iki?

4 Mwene ayo mazi y’ubuzima yatanguye gukenerwa igihe wa mugabo wa mbere Adamu yifatanya n’umugore wiwe Eva, mu kugambararira Yehova Imana, we yari yarabaremye. (Ita. 2:16, 17; 3:1-6) Uwo mugabo n’umugore ba mbere barirukanywe mw’itongo babamwo kugira ngo Adamu ‘ntatume ukuboko, akamura ku giti c’ubugingo, akarya, akazokwamaho ibihe bidahera.’ (Ita. 3:22) Kubera ko Adamu ari we abantu bose bakomotseko, yahavuye akwegera urupfu umuryango w’abantu iyo uva ukagera. (Rom. 5:12) Ayo mazi y’ubuzima agereranya intunganyo zose Imana yashizeho kugira ngo ikize icaha n’urupfu abantu bagamburuka, maze ibaronse ubuzima butunganye butagira iherezo mw’Iparadizo ng’aha kw’isi. Izo ntunganyo zose zashobotse biciye kuri ya nkuka y’incungu ya Yezu Kristu.​—Mat. 20:28; Yoh. 3:16; 1 Yoh. 4:9, 10.

5. Ubutumire bwo kuza ‘kwakira amazi y’ubuzima ku buntu’ bukomoka kuri nde? Sigura.

5 None ubwo butumire bwo kuza “[kwakira] amazi y’ubuzima ku buntu” bukomoka kuri nde? Intunganyo zose zijanye no kuronka ubuzima biciye kuri Yezu zishitswa ku bantu bimwe vyuzuye mu kiringo ca ya Ngoma ya Kristu y’imyaka igihumbi, zidondorwa ko ari “uruzi rw’amazi y’ubuzima, rurongorotse nka kirisitalo.” Urwo ruzi rubonwa nk’aho “rutemba ruva ku ntebe y’ubwami y’Imana no ku ya wa Mwagazi w’intama.” (Ivyah. 22:1) Ku bw’ivyo rero, Yehova wa Mutanzi w’ubuzima, ni we Sôko ry’ayo mazi atanga ubuzima. (Zab. 36:9) Ni we atuma ayo mazi aboneka biciye kuri wa “Mwagazi w’intama,” Yezu Kristu. (Yoh. 1:29) Urwo ruzi rw’ikigereranyo ni uburyo Yehova akoresha kugira ngo atorere umuti ibintu vyose bigirira nabi abantu, ivyavuye ku kugambarara kwa Adamu. Ni vyo, ubwo butumire busaba abantu ‘kuza’ bukomoka kuri Yehova Imana.

6. Rwa “ruzi rw’amazi y’ubuzima” rwatanguye gutemba ryari?

6 Naho urwo “ruzi rw’amazi y’ubuzima” ruzotemba mu buryo bwuzuye mu gihe ca ya Ngoma ya Kristu y’imyaka igihumbi, rwatanguye gutemba “mu musi w’Umukama,” uno ukaba watanguye igihe wa “Mwagazi w’intama” yimikwa mw’ijuru mu 1914. (Ivyah. 1:10) Ku bw’ivyo rero, intunganyo zimwezimwe zerekeye ubuzima zabonetse inyuma y’aho. Izo ntunganyo zirimwo ibijanye n’Ijambo ry’Imana Bibiliya, kuko ubutumwa buri muri yo buvugwa ko ari “amazi.” (Ef. 5:26) Ubutumire bwo “[kwakira] amazi y’ubuzima” biciye ku kwumviriza no kwakira inkuru nziza y’Ubwami, buhabwa abantu bose. Ariko none, ni bande bariko bakora igikorwa co gutumira nya gutumira muri uwu musi w’Umukama?

“Wa mugeni” aravuga ati: “Ingo!”

7. Ni bande “mu musi w’Umukama” babaye aba mbere mu vyo gutanga bwa butumire busaba abantu ‘kuza,’ kandi babuhaye ba nde?

7 Abagize umugwi wa wa mugeni, ni ukuvuga abakirisu barobanujwe impwemu, ni bo ba mbere mu vyo gutanga ubwo butumire busaba abantu ‘kuza.’ Uti none babuha ba nde? Birumvikana ko uwo mugeni atari we yibwira ati: “Ingo!” Amajambo y’uwo mugeni ayabwira abafise icizigiro co kuzoronka ubuzima budahera kw’isi, ya “ntambara yo kuri wa musi ukomeye w’Imana Mushoboravyose” niyamara kurangira.​—Soma Ivyahishuwe 16:14, 16.

8. Ni igiki cerekana ko abakirisu basizwe batanze ubutumire bwa Yehova kuva mu 1918?

8 Abayoboke ba Kristu barobanuwe batanze ubwo butumire kuva mu 1918. Muri uwo mwaka, insiguro y’icese yari ifise umutwe uvuga ngo “Abantu amamiliyoni bariho ubu ntibazokwigera bapfa,” yaratanze icizigiro c’uko abantu benshi bazoba mw’isi izoba yahindutse Iparadizo inyuma y’intambara ya Harumagedoni. Insiguro yashikirijwe kw’ihwaniro ry’Abigishwa ba Bibiliya ryabereye i Cedar Point muri Ohio muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika mu mwaka wa 1922, yarahimirije abariko barumviriza ‘gutangaza Umwami n’ubwami bwiwe.’ Ako kamo karafashije amasigarira yo mu mugwi wa wa mugeni gushikiriza ubwo butumire abantu benshi kuruta. Mu 1929, Umunara w’Inderetsi (mu congereza) wo ku wa 15 Ntwarante, warimwo ikiganiro gifise umutwe uvuga ngo “Ubutumire burangwa umutima mwiza,” kino kikaba cari gifise icanditswe shimikiro co mu Vyahishuwe 22:17. Muri ico kiganiro, hariho ahagira hati: “Amasigarira yo muri wa mugwi w’intahemuka ariyunga kuri [Musumbavyose] mu gutanga ubutumire buranga umutima mwiza maze bakavuga bati: ‘Ingo.’ Ubwo butumwa bubwirizwa kumenyeshwa abantu bipfuza ubugororotsi n’ukuri. Ivyo bitegerezwa kugirwa ubu.” Umugwi wa wa mugeni urabandanya gutanga ubwo butumire gushika n’uyu musi.

“Uwo wese yumva navuge ati: ‘Ingo!’”

9, 10. Ni gute abumva bwa butumire, na bo nyene batewe akamo ko kuvuga bati: “Ingo!”?

9 Tuvuge iki ku bijanye n’abumva ubwo butumire busaba abantu ‘kuza’? Na bo nyene baterwa akamo ko kuvuga bati: “Ingo!” Nk’akarorero, Umunara w’Inderetsi (mu congereza) wo ku wa 1 Myandagaro 1932, ku rupapuro rwa 232 wagize uti: “Abarobanuwe nibaremeshe abantu bose bipfuza kugira uruhara mu gikorwa co kuvuga inkuru nziza y’ubwami. Si ngombwa ko barinda kurobanurwa n’Umukama kugira ngo batangaze ubutumwa bwiwe. Ivyabona vya Yehova barahumurizwa cane no kuba ubu bazi ko bafise uburenganzira bwo gushira amazi y’ubuzima umugwi w’abantu boshobora kuzorokoka Harumagedoni, maze bagahabwa ubuzima budahera kw’isi.”

10 Mu kwerekeza kw’ibanga uwumva ubwo butumire afise ryo kuvuga ati: “Ingo!”, Umunara w’Inderetsi (mu congereza) wo ku wa 15 Myandagaro 1934, ku rupapuro rwa 249 wagize uti: “Abagize umugwi wa Yonadabu bategerezwa kwifatanya n’abagize umugwi wa Yehu w’ikigereranyo, ni ukuvuga abarobanuwe, bakaja kwamamaza ubutumwa bw’ubwami, naho ari ivyabona vya Yehova batarobanuwe.” Mu 1935, abagize “isinzi rinini” rivugwa mu Vyahishuwe 7:9-17 baramenyekanye neza abo ari bo. Ivyo vyaratumye igikorwa co gutanga ubutumire bw’Imana kirushiriza gukoranwa ishaka rikomeye. Kuva ico gihe, abagize isinzi rinini ry’abasavyi b’Imana b’ukuri badasiba kwongerekana, ubu bakaba barenga imiliyoni indwi, barakiriye ubwo butumire. Aho bamariye kwumva ubwo butumwa babigiranye ugukenguruka, bariyeguriye Imana barabatizwa mu mazi, maze bifatanya n’umugwi wa wa mugeni mu gutumira abandi n’umwete ngo ‘baze kunywa amazi y’ubuzima ku buntu.’

“Impwemu” iravuga iti: “Ingo!”

11. Mu kinjana ca mbere G.C., impwemu nyeranda yagize gute uruhara mu gikorwa co kwamamaza?

11 Igihe Yezu yariko aramamaza mw’isinagogi i Nazareti, yarazinguruye umuzingo w’umuhanuzi Yesaya hanyuma asoma ati: “Impwemu ya Yehova iri kuri jewe, kuko yandobanuye ngo menyeshe inkuru nziza aboro, yantumye kwamamaza ukubohorwa ku mbohe n’uguhumuka ku mpumyi, kurungika abajanjaguwe mu kubabohora, kwamamaza umwaka wemerwa wa Yehova.” Yezu yaciye yiyerekezako ayo majambo mu kuvuga ati: “Uno musi ico canditswe muhejeje kwumva kirarangutse.” (Luka 4:17-21) Imbere y’uko aduga mw’ijuru, Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: “Muzoronka ububasha impwemu nyeranda niyabashikako, kandi muzombera ivyabona . . . gushika mu karere ka kure rwose k’isi.” (Ibik. 1:8) Mu kinjana ca mbere, impwemu nyeranda yaragize uruhara bimwe biboneka mu gikorwa co kwamamaza.

12. Impwemu y’Imana igira gute uruhara mu bijanye no gutanga bwa butumire muri kino gihe?

12 None impwemu nyeranda y’Imana igira gute uruhara mu bijanye no guha abantu ubwo butumire muri kino gihe? Yehova ni we impwemu nyeranda ikomokako. Arakoresha iyo mpwemu mu kwugurura imitima y’abagize umugwi wa wa mugeni be n’imizirikanyi yabo kugira ngo batahure Ijambo ryiwe Bibiliya. Iyo mpwemu irabavyurira umutima wo guha ubwo butumire no gusigurira ukuri kwo mu Vyanditswe abafise icizigiro co kubaho ibihe bidahera mw’Iparadizo ng’aha kw’isi. Tuvuge iki ku bemera ubwo butumire hanyuma bagacika abigishwa ba Yezu Kristu, maze na bo bagaha ubwo butumire abandi? Iyo mpwemu iragira ico ikoze no ku biberekeye. Kubera ko babatijwe ‘mw’izina ry’impwemu nyeranda,’ barasenyera ku mugozi umwe n’iyo mpwemu kandi bakiheka kuri yo kugira ngo ibafashe. (Mat. 28:19) Zirikana kandi ku butumwa bwamamazwa n’abakirisu barobanuwe be n’abagize isinzi rinini badasiba kwongerekana. Ubwo butumwa buva muri Bibiliya, iyo na yo ikaba ari igitabu canditswe biciye gusa ku mpwemu y’Imana. Ku bw’ivyo rero, ubwo butumire buriko butangwa biciye ku mpwemu nyeranda. Nkako, tuyoborwa n’iyo mpwemu. None ivyo bikwiye kugira ico bikoze gute ku rugero tugezako mu kugira uruhara muri ico gikorwa co gutanga ubutumire?

“Biguma bivuga biti: ‘Ingo!’”

13. Imvugo ngo “impwemu na wa mugeni biguma bivuga biti: ‘Ingo!’”, yerekana iki?

13 “Impwemu na wa mugeni” ntibitera akamo rimwe gusa bivuga biti: “Ingo!” Irivuga ryo mu rurimi rwo mu ntango ryakoreshejwe ng’aho, ritanga iciyumviro c’igikorwa kibandanya. Ni co gituma mu kwitwararika ico kintu, mu Mpinduro y’isi nshasha hagira hati: “Impwemu na wa mugeni biguma bivuga biti: ‘Ingo!’” Ivyo vyerekana ko bitanga ubwo butumire bw’Imana bidatezura. Tuvuge iki none ku bijanye n’abumva ubwo butumire kandi bakabwakira? Na bo nyene baravuga bati: “Ingo!” Abagize isinzi rinini ry’abasavyi b’Imana b’ukuri, bivugwa ko ‘bakorera Yehova igikorwa ceranda umurango n’ijoro mu rusengero rwiwe.’ (Ivyah. 7:9, 15) Ni mu buryo ki none ‘bakora umurango n’ijoro’? (Soma Luka 2:36, 37; Ibikorwa 20:31; 2 Abanyatesalonika 3:8.) Akarorero ka wa muhanuzikazi yari ageze mu zabukuru Ana be n’akarorero k’intumwa Paulo burerekana ko ‘gukora umurango n’ijoro’ bisigura kudatezura be n’ukugira akigoro gakomeye mu busuku.

14, 15. Daniyeli yerekanye gute ko ukudahorereza mu bijanye no gusenga bihambaye?

14 Umuhanuzi Daniyeli na we nyene yarerekanye igituma bihambaye kudahorereza mu bijanye no gusenga. (Soma Daniyeli 6:4-10, 16.) Ntiyigeze ahindura urutonde rwiwe rwo mu vy’impwemu, ni ukuvuga akamenyero yari afise ko gusenga Imana “gatatu-gatatu ku musi, . . . nk’uko yar’asanzwe abigenza,” habe no mu kiringo c’ukwezi kumwe, naho ivyo vyasigura ko aca atabwa mu cobo c’intambwe. Ese ukuntu ivyo yakoze vyatumye abamwihweza babona neza ko ata kintu na kimwe gihambaye kuruta ugusenga Yehova ubudahorereza!​—Mat. 5:16.

15 Bukeye Daniyeli yaraye mu cobo c’intambwe, umwami ubwiwe yaragiye kuri ico cobo maze asemerera ati: “Yewe Daniyeli musavyi w’Imana nzima, mbeg’Imana yawe ukorera na ntaryo yashoboye kugukiza izo ntambge?” Daniyeli yaciye yishura ati: “Mugenzi nyaguhoraho, Imana yanje yarungitse umumarayika wayo, azibira iminwa y’intambge, nta co zankozeko; kuko nabonetse imbere yayo ntagira igicumuro, kandi nawe, mugenzi, nta kibi nakugiriye.” Yehova yarahezagiye Daniyeli kubera yuko yamukorera “na ntaryo.”​—Dan. 6:19-22.

16. Akarorero ka Daniyeli gakwiye gutuma twibaza ibibazo ibihe mu bijanye n’ukuntu tugira uruhara mu busuku?

16 Daniyeli yari afise umutima ukunze wo kwemera gupfa aho gufata minenegwe urutonde yari afise mu vy’impwemu. Tweho bite? Ni utwigoro nyabaki turiko turagira canke twiteguriye kugira, ngo twame nantaryo dutangaza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana? Emwe, ntidukwiye kwigera tureka ngo hagire ukwezi na kumwe kwijana tutabwiye abandi ivyerekeye Yehova! Niba bishoboka, wumva none tudakwiye kwihatira kugira uruhara mu busuku buri ndwi? Mbere n’igihe twoba dushoboye gukora bike cane kubera ingorane z’amagara mugabo tukaba dushobora kwamamaza iminuta 15 gusa mu kwezi kwose, turakwiye gutanga raporo y’uwo murimo twaranguye. Uti kubera iki? Kubera yuko, cokimwe n’impwemu be na wa mugeni, twipfuza kuguma tuvuga duti: “Ingo!” Egome, turipfuza gukora uko dushoboye kwose kugira ngo tugume turi abamamaji b’Ubwami badahorereza.

17. Ni uturyo utuhe two gutanga ubutumire bwa Yehova tudakwiye kugisha?

17 Turakwiye kurondera gutanga ubutumire bwa Yehova igihe cose akaryo kabonetse, atari gusa mu bihe twageneye kuja mu busuku turangura ku mugaragaro. Ese ukuntu ari agateka gutumira abanyotewe ngo ‘baze kwakira amazi y’ubuzima ku buntu’ mu bindi bihe, nk’igihe tuba turiko turasuma, igihe turi ku rugendo, igihe turi mu karuhuko, igihe turi ku kazi, canke igihe tugiye kw’ishure! Mbere n’igihe abategetsi botubuza kurangura igikorwa co kwamamaza, turabandanya kwamamaza tubigiranye ukwiyubara, kumbure tukabigira mu kwirinda kuza turadodora ku mazu akurikirana, canke tukabigira mu kwongereza uturyo two gushinga intahe akaryo kizanye.

Guma uvuga uti: “Ingo!”

18, 19. Werekana gute ko uha agaciro agateka ko kuba umukozi akorana n’Imana?

18 Ubu haraciye imyaka irenga 90 impwemu na wa mugeni bibwira uwo wese anyotewe amazi y’ubuzima biti: “Ingo!” Woba warumvise ubwo butumire bushimishije bitanga? Nawe rero uhimirizwa guha abandi ubwo butumire.

19 Ntituzi igihe ubwo butumire bwa Yehova burangwa urukundo buzomara buriko buratangwa, ariko ukuntu tubwakira mu kuvuga duti: “Ingo!”, biratuma tuba abakozi bakorana n’Imana. (1 Kor. 3:6, 9) Ese ukuntu ako ari agateka! Ese twokwerekana ko duha agaciro ako gateka maze “[tukama] nantaryo dushikanira Imana ikimazi c’ishemezo” biciye ku kwamamaza tudahorereza! (Heb. 13:15) Nimuze rero twebwe abafise icizigiro co kuzoba ng’aha kw’isi, twifatanije n’abagize umugwi wa wa mugeni, tugume tuvuga duti: “Ingo!” Ese kandi abandi bantu benshi ‘bokwakira amazi y’ubuzima ku buntu’!

Wize iki?

• Ni bande bahabwa bwa butumire bugira buti: “Ingo”?

• Ni kubera iki vyovugwa yuko bwa butumire bugira buti: “Ingo”, bukomoka kuri Yehova?

• Impwemu nyeranda igira uruhara uruhe mu bijanye no gutanga bwa butumire bugira buti: “Ingo”?

• Ni kubera iki dukwiye kwihatira kugira uruhara mu busuku tudahorereza?

[Igicapo ku rup. 16]

(For fully formated text, see publication)

Guma uvuga uti: “Ingo!”

1914

Abamamaji 5.100

1918

Abantu benshi bazoba mw’isi izoba yahindutse Iparadizo

1922

“Tangaza, tangaza, tangaza, Umwami n’ubwami bwiwe”

1929

Abagize amasigarira y’intahemuka bavuga bati: “Ingo!”

1932

N’abatari abarobanuwe baraterwa akamo ngo bavuge bati: “Ingo”

1934

Umugwi wa Yonadabu uraterwa akamo ko kwamamaza

1935

Abagize rya “sinzi rinini” bamenyekana

2009

Abamamaji 7.313.173

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika