ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w09 15/11 rup. 29
  • Akigeme gafise umutima wo gutanga

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Akigeme gafise umutima wo gutanga
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Ivyo bijanye
  • Akana kagizwe imbohe kavugira Imana
    Gendana n’Imana n’umutima rugabo
  • Kuki abahungu batankunda?
    Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 1
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
w09 15/11 rup. 29

Akigeme gafise umutima wo gutanga

AKIGEME k’imyaka icenda ko muri Berezile gaherutse gufata amahera kari karaziganije kayacamwo kubiri atawubigasavye, maze amadolari 18 kayashira ku ruhande rumwe, ku rundi na ho kahashira amadolari 25. Ayo makeya kayashize mu gasandugu ko mu Ngoro y’Ubwami y’iwabo kugira ngo afashe mu bijanye n’ivyo ishengero rikenera. Mu nyuma, ayo menshi na yo kayarungikiye ibiro vy’ishami vy’Ivyabona vya Yehova, kayarungika ari kumwe n’agakete kagufi. Ako gakete kiwe kagira kati: “Nagomba gutanga iyi ngabirano ku bw’igikorwa kirangurirwa kw’isi yose. Icipfuzo canje ni ico gufasha abavukanyi n’abavukanyikazi bo hirya no hino kw’isi kwamamaza Inkuru nziza. Iyo ntererano ndayitanganye igishika cinshi n’urukundo mfitiye Yehova.”

Abavyeyi b’ako kigeme bari barakigishije igituma bihambaye ko ubwako kagira uruhara mu gikorwa co kwamamaza Ubwami. Vyongeye, bari barakeretse igituma bikenewe ko ‘kubahisha Uhoraho ibintu vyako.’ (Imig. 3:9) Nk’uko kw’ako kigeme, ese umwe wese muri twebwe yogira uruhara n’umwete mu gushira ivyungura Ubwami mu kibanza ca mbere, haba aho tubaye canke kw’isi yose!

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika