ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w09 1/5 rup. 19-21
  • Niwikingire impwemu mbi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Niwikingire impwemu mbi
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ingene impwemu mbi zigirira nabi abantu
  • Numenye imigenzo idahimbara Imana
  • Ukwiye gukora iki?
  • Niwemere Yehova agufashe kunanira Shetani n’amadayimoni
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2019
  • Nurwanye Inteko z’Ibiremwa vy’Impwemu vy’Ibibisha
    Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera
  • Imizimu—Irashobora Kugufasha? Canke Irashobara Kugutera?
    Imizimu—Irashobora kudufasha? Canke irashobora kudutera?
  • Ukuntu abamarayika bagira ico bakoze kuri twebwe
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
w09 1/5 rup. 19-21

Niwikingire impwemu mbi

JAMES yakuriye mu karere ka kure ko mw’izinga rya Malaita ryo mu mazinga ya Salomo. Kuva akiri muto, yarigishijwe kwubaha impwemu. Avuga ati: “Sinokwigeze niyumvira gusaba impwemu ngo zigirire nabi abandi, mugabo sinabona ko vyoshoboka ko nogira agahimbare mu buzima ntakoresheje rarafono [imigenzo ya kera yagirwa mu ntumbero yo kurondera gufashwa n’impwemu] kugira ngo nikingire ivyongirira nabi.”

Nk’uko biri ku bantu bo mu tundi turere tutari duke tw’isi, abantu bo mu mazinga ya Salomo bemera ko impwemu zishobora gufasha umuntu canke kumugirira nabi. Kukaba nkako, abantu benshi bo muri Melaneziya babona ko impwemu bavuga ko zimeze neza ari izo gukunda, atari izo gutinya.

Kuba abantu bemera ko ibiremwa vy’impwemu hari ico bikora biragaragarira mu mice itandukanye. Nk’akarorero, igihe James yari akiri mutoya, abagore bo mu kigwati yabamwo baca birukangana mu nzu abana babo igihe cose bumvise inyoni yitwa korokoro ivuze (iyo bakunze kwita Koel). Kubera iki? Bemera ko iyo nyoni ivuze vyasobanura ko hari umuntu yaba agira agirirwe nabi.

Abantu bamwebamwe baba muri ico kigwati barashira ibuye ridasanzwe ryera hejuru ku miryango y’amazu yabo. James ivyo yarabigira, yibaza yuko iryo buye ryomukingiye impwemu zigira nabi. Kandi igihe James yaba ari ku kazi, yaregeranya udusigazwa twose tw’ivyo yaba yafunguye mu kwivuna umusase, maze akadushira mw’isaho kugira ngo aze kuduta mu nyuma. Ahanini yaba ahagaritswe umutima n’uko umurozi yohava atora utwo dusigazwa hanyuma akadukoresha mu kumutuma uburozi bwotumye arwara.

Naho imigenzo nk’iyo itoba isanzwe igirwa mu karere ubamwo, kumbure nk’ukwo kwa James, warumvise ko ukeneye gukurikiza imigenzo ya kera kugira wikingire impwemu mbi. Woshobora kuba wemera ko kwumira kuri bene iyo migenzo bihambaye ku bw’ineza yawe.

Nimba wubaha Bibiliya, ata gukeka uripfuza kumenya inyishu itanga kuri ibi bibazo bikurikira: (1) Impwemu mbi zishobora gute kukugirira nabi? (2) Gukurikiza imigenzo imwimwe ya kera vyoba mu vy’ukuri vyotuma utwarwa n’akosho k’amadayimoni? (3) Woshobora gute gukingirwa nya gukingirwa izo mpwemu mbi, maze ukagira agahimbare?

Ingene impwemu mbi zigirira nabi abantu

Bibiliya irahishura ko impwemu mbi atari imizimu y’abapfuye. Ijambo ry’Imana rigira riti: “Abariho baba bazi ko bazopfa; arikw abapfuye nta co baba bakizi.” (Umusiguzi 9:5) Mu bisanzwe, impwemu mbi ni abamarayika b’abagarariji bifatanije na Shetani mu kugerageza kuzimiza abantu.​—Ivyahishuwe 12:9.

Ivyanditswe biravuga mu buryo butomoye ko dukeneye gukingirwa impwemu mbi. Intumwa Paulo yandikiye abakirisu b’i Efeso ati: “Dufise intambara yo kunigana, atari ukunigana n’amaraso n’umubiri, mugabo kunigana . . . n’ibinyankomezi vy’impwemu bibi mu bibanza vyo mw’ijuru.” Intumwa Petero yavuze ko umutware w’impwemu mbi, ari we Shetani wa Mubesheranyi, ameze nk’“intambwe yivuga, arondera kurotsa umuntu.”​—Abanyefeso 6:12; 1 Petero 5:8.

Shetani aragirira abantu nabi ahanini mu kubazimiza, akabahenda canke akabosha gukora ibintu mu buryo bubabaza Imana. Bibiliya ivuga ko Shetani “aguma yihindura umumarayika w’umuco.” (2 Abakorinto 11:14) Yigira ikiremwa c’impwemu gikingira abantu, mu gihe ku bwa ngingo, aba afise intumbero mbi. Shetani arahuma abantu imizirikanyi kugira ngo ntibamenye ukuri ku bimwerekeye be no ku vyerekeye Imana. (2 Abakorinto 4:4) Ni intumbero iyihe aba afise igihe azimiza abantu?

Shetani aranohokera ugusengwa kandi ashaka ko abantu bamusenga, baba babigira babizi canke batabizi. Igihe Umwana w’Imana bwite ari we Yezu yari kw’isi, Shetani yarashatse ko ‘yikubita hasi ngo amusenge.’ Yezu yavuze ati: “Ja hiyo, Shetani! Kuko vyanditswe ngo: ‘Yehova Imana yawe ni we utegerezwa gusenga.’” (Matayo 4:9, 10) Yezu yaranse gukora ikintu na kimwe cosa n’ukuyobokera Shetani, ukwo kukaba kwobaye ari ukumusenga.

Yehova ni we mpwemu ikomeye kuruta izindi zose kandi ntazoreka ngo abamugamburukira bashikirwe n’ikintu kizokwama kiriko kirabagirira nabi. (Zaburi 83:18; Abaroma 16:20) Mugabo nimba tugomba guhimbara Yehova Imana nk’uko Yezu yabigize, turakeneye kwirinda gukora ikintu ico ari co cose c’ukuyobokera Shetani canke amadayimoni yiwe. Kugira ivyo tubishikeko, turakeneye kumenya imigenzo ya kera irimwo ivyo guha impwemu mbi z’ububasha icubahiro kingana n’ugusengwa. None twoyimenya dute?

Numenye imigenzo idahimbara Imana

Yehova Imana yaragabishije abasavyi biwe ba kera, ari bo Bisirayeli, ngo ntibigane imigenzo imwimwe ya kera yagirwa n’amahanga yari abegereye. Yavuze ati: “Muri wewe ntihaze haboneke umuntu . . . [a]ragura, umunyamageza canke umuntu arondera ibimenyetso bitara ibizoba canke umupfumu, canke uwuzirikisha abandi ubupfumu.” Ku bijanye n’abantu wasanga bagira iyo migenzo, Bibiliya ivuga iti: “Uwukora ivyo bintu wese [ni] ikintu giteye ishishi kuri Yehova.”​—Gusubira mu vyagezwe 18:10-12, NW.

Ku bw’ivyo, igihe uzirikana ku bijanye n’imigenzo ikunda kugirwa mu karere ubamwo, nurimbure ibibazo bikurikira: Uyu mugenzo woba uremesha ivyo kwemera ibijanye n’ibimenyetso bimenyesha ibizoba? Woba werekana ko ibintu bitagira ubuzima bifise ububasha bw’amageza bwo gukingira umuntu? Woba urimwo ivyo gutuma uburozi umuntu canke ivyo kubwikingira? Woba urimwo ivyo kuyobokera iyindi mpwemu atari Yehova canke uwo yagenye ngo amuserukire ari we Yezu?​—Abaroma 14:11; Abafilipi 2:9, 10.

Birahambaye ko wamirira kure umugenzo uwo ari wo wose uremesha ibintu nk’ivyo. Kubera iki? Intumwa Paulo yarahumekewe kwandika ati: “Ntimushobora gufungura ku ‘meza ya Yehova’ no ku meza y’amadayimoni.” Yabwiye abariko baragerageza guhimbara Imana n’izindi mpwemu ko bobaye ‘bariko batera Yehova ishari.’ (1 Abakorinto 10:20-22) Yehova Imana adusaba ko tumwihebera wenyene gusa kandi arabibereye.​—Kuvayo 20:4, 5.

Rimbura kandi iki kibazo: Uwo mugenzo woba uremesha iciyumviro c’uko umuntu adakwiye kubazwa ivyo akora? Nk’akarorero, ukurenga ibigo no guhuza ibitsina imbere yo kwabirana biriyamirizwa n’abantu bo mu mihingo myinshi kandi na Bibiliya iravyiyamiriza. (1 Abakorinto 6:9, 10) Ariko rero, mu mico kama imwimwe yo muri Pasifike, mwene iyo migenzo yoshobora kwemerwa mu gihe umukobwa avuze yuko ngo bamushizeko umutia utuma ashaka guhuza ibitsina.

Ariko rero, Bibiliya yigisha yuko ari twebwe tubazwa ivyo dukora. (Abaroma 14:12; Abagalatiya 6:7) Nk’akarorero, wa mugore wa mbere, ari we Eva, yabona ko Shetani ari we yamuhenze bituma agambararira Imana, mu kuvuga ati: “Inzoka yampenze, ndabirya.” Yamara, Yehova yaragize ico abajije Eva ku bijanye n’ivyo yari yakoze. (Itanguriro 3:13, 16, 19) Na twebwe nyene hari ico atubaza ku bijanye n’inyifato tugira.​—Abaheburayo 4:13.

Ukwiye gukora iki?

Nimba ugomba guhimbara Imana kandi ukabaho wisunga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya, urakeneye gufata ingingo zikomeye. Abantu b’imitima nziraburyarya baba i Efeso mu kinjana ca mbere barasize akarorero keza muri ivyo. Kugira ngo bitandukanye n’akosho k’impwemu mbi, baregereranije ibitabu vyose bari bafise vyavuga ivy’ubupfumu baraheza “[babituririra] imbere ya bose.”​—Ibikorwa 19:19.

Imbere yuko baturira ivyo bitabu, abo bantu “baraza bakemera icese bakongera bakavuga ku mugaragaro ibikorwa vyabo.” (Ibikorwa 19:18) Kubera yuko bari bakozwe ku mutima n’ivyo Paulo yariko arigisha vyerekeye Kristu, baravyuriwe umutima wo guturira ibitabu vyabo vy’ubupfumu. Barahinduye kandi ivyiyumviro vyabo ku bijanye n’imigenzo yabo ya kera.

Mu vy’ukuri, guheba imigenzo ya kera vyoshobora kuba bitoroshe. James, umwe twavuga mu ntango ntivyamworoheye. Yaratanguye kwigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova, maze arahimbarwa n’ivyo yariko ariga. Mugabo rero, yarabandanije gukoresha ya rarafono. Amaze kuzirikana ku kuntu yiyumva ku bijanye n’iyo migenzo, yasanze yemera ivyo Yehova yasezeranye muri kazoza, mugabo abona ko agikeneye gukurikiza imigenzo ya kera kugira yikingire ivyomugirira nabi.

Ni igiki none cafashije James guhindura ukwo kuntu yabona ibintu? Avuga ati: “Narasenze Yehova ndamusaba ngo ankingire yongere amfashe ndamwizigire. Muri ico gihe nyene, narahevye imigenzo ya kera nagenderamwo.” Hoba none hari ikintu kibi na kimwe camushikiye? James avuga ati: “Habe namba. Nta kintu na kimwe canshikiye uretse ko vyatumye nyabuna niga kwizigira Yehova. Narabonye ukuntu Yehova ashobora kuba umugenzi wa hafi cane.” Nkako, James aramaze imyaka indwi ari umusuku w’igihe cose, afasha abandi kumenya ivyo Bibiliya yigisha.

Ni kubera iki none utokurikiza ako karorero ka James? Nusuzume imigenzo igirwa mu karere ubamwo, maze ukoreshe “ububasha [bwawe] bwo kwiyumvira” kugira umenye nimba ihuye n’“ukugomba kw’Imana.” (Abaroma 12:1, 2) Nuce rero ugira umutima rugabo wo kwitandukanya n’imigenzo ijanye no kwemera ibintazi. Ubigenjeje gutyo, urashobora kwizigira udakeka ko Yehova ‘azokwakira’ akongera akagukingira. (2 Abakorinto 6:16-18) Nka kumwe kwa James, uzokwibonera ukuri kw’iki kintu Bibiliya isezerana iti: “Izina [“rya Yehova,” NW] n’umunara ukomeye: umugororotsi awirukiramwo, akaba amahoro.”​—Imigani 18:10.

[Akajambo k’epfo]

a Ivyo vyerekeza ku mugenzo wo gutongerera kw’ibabi ry’igiti kidasanzwe canke ku bifungurwa. Iryo babi canke ivyo bifungurwa bica bihabwa umukobwa munaka. Bivugwa yuko iryo babi canke ivyo bifungurwa bica bituma uwo mukobwa yipfuza umugabo. Ivyo biratandukanye n’ivyo guha umukobwa ibiyovyabwenge atabizi hanyuma agaca asambanywa atabishaka. Muri ico gihe hoho, uwo mukobwa aba yagiriwe nabi ata co azira.

[Ifoto ku rup. 19]

“Korokoro”

[Credit line]

Tuyikesha Dr. Bakshi Jehangir

[Ifoto ku rup. 19]

Umwigeme ariko aregeranya udusigazwa tw’ibifungurwa kugira ngo ntihagire abodukoresha mu kubatuma uburozi

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika