ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w08 1/11 rup. 14-15
  • Ubutumire bwari bufise intumbero

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ubutumire bwari bufise intumbero
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • Ivyo bijanye
  • Ni ibiki birangurirwa ku Biro vy’ishami?
    Ni bande bariko barakora ivyo Yehova agomba muri iki gihe?
  • Ubwubatsi burashigikira igikorwa co kwamamaza
    Ingene intererano mutanga zikoreshwa
  • Nararonkeye umunezero mu murimo wa Yehova
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2021
  • Bamamaji b’Ubwami bakundwa,
    Igikorwa dukorera Ubwami—2006
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
w08 1/11 rup. 14-15

Ubutumire bwari bufise intumbero

“MBEGA harya hantu bahakorera ibiki?” Ico ni ikibazo gikunda kubazwa n’abantu benshi batwara imiduga bakunda guca ahari inyubakwa z’Ivyabona vya Yehova mu gisagara ca Mogale (Krugersdorp), hafi y’i Johannesburg muri Afirika y’Epfo. Ni co catumye Ivyabona bafata ingingo yo gutumira abantu kugira ngo bagendere izo nyubakwa z’ibiro vy’ishami ku wa 12 no ku wa 13 Gitugutu 2007. Ivyo vyagizwe ku bw’intumbero iri mu mice ibiri: Guhagarika ibihuha vyariko birakwiragizwa be no kwereka abantu ibiriko birakorwa n’ibiro vy’ishami kugira ngo bishigikire igikorwa Yezu Kristu yategetse.​—Matayo 28:19, 20.

Abakorera ku biro vy’ishami barashize ku rwinjiriro ivyapa bininibinini vyo guha ikaze abantu, bongera baraha ababanyi babo ubutumire budasanzwe. Abikorera utwabo bafise ivyo bakorana n’ibiro vy’ishami hamwe n’abagize imiryango yabo, na bo nyene baratumiwe. None abantu bitabiriye gute ubwo butumire? Abashitsi barenga 500 batari Ivyabona baragendeye izo nyubakwa.

Ikintu cabakwegereye cane ni ya mashini yo gucapura igizwe n’ivyuma vyinshi bikorana yitwa MAN Roland Lithoman, icapura ibinyamakuru bishika ku 90.000 mw’isaha. Ikindi kintu catangaje abo bashitsi, nk’uko icuma gifatanya ibitabu cabatangaje, ni ikibanza kinini cane gikorerwamwo ivyo gupakira no kurungika ibisohokayandikiro, abahakorera bakaba bapakira bakongera bakarungika ku musi ku musi ibirenga amatoni 14. Ivyabona bakorera mu nzego zitandukanye barateguye ibintu bishimishije vyo kwereka abantu, muri ivyo hakaba harimwo icerekana muri make ibijanye n’imashini zo gucapura zagiye zirakoreshwa, uhereye ku yitiriwe Gutenberg gushika ku zo mu gihe ca none zikoresha uburyo buhanitse. Ikindi na co cerekana ukuntu ibiro vy’ishami vyitaho ibidukikije. Nk’akarorero, hariho akamashini kadasanzwe gakura imyuka y’ubumara be n’akamoto kabi mu vyuma biri kuri ya mamashini yo gucapura bijejwe kwumisha ibintu, hakabaho n’utuyungiro dukorakoranya ibipapuro biba bitagikenewe kugira ngo biturirwe.

Ikinyamakuru kimwe co muri ico gisagara carasohoye ikiganiro cavuga yuko abantu 700 bakora bavyishakiye baba muri iyo nyubakwa, ari “abasuku batiwe biyeguriye Yehova.” Caragize kandi ico kivuze ku vyerekeye ingene muri iryo capuriro hari “isuku ridasanzwe be n’ukuntu ikintu cose gikorwa ku gihe.” Umugabo umwe yarwanya Ivyabona vya Yehova yaraje kugendera ivyo biro. Inyuma y’aho, yaranditse ikete ryarimwo amajambo agira ati: “Ndabakeje. Kwibonera ibintu vyiza cane nk’ivyo ni imbonekarimwe.”

Abashitsi benshi baraseruye ko bakenguruka kuba baratemberejwe muri izo nyubakwa kandi baratangajwe no kubona ibiro vy’ishami bifise ububiko bw’ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya biri mu ndimi 151, bikaba kandi bicapurira ibisohokayandikiro ibihugu 18 vyo muri Afirika yo mu Bumanuko n’iyo Hagati. Abantu barashobora kugendera inyubakwa z’ibiro vy’amashami vy’Ivyabona vya Yehova ziri hirya no hino kw’isi mu kiringo c’amasaha y’ibikorwa. Ubona gute urondeye umwanya wo kugendera izo nyubakwa mu kubaza ibiro vy’ishami vy’aho iwanyu?

[Ifoto ku rup. 14]

Abantu bariko baraza kugendera inyubakwa z’ibiro vy’ishami

[Ifoto ku rup. 14]

Ubutumire

[Ifoto ku rup. 15]

Inyubakwa z’ibiro vy’ishami vyo muri Afirika y’Epfo ziri mu gisagara ca Mogale

[Ifoto ku rup. 15]

Ya mashini yo gucapura yitwa MAN Roland Lithoman

[Ifoto ku rup. 15]

Imashini ifatanya ibitabu

[Ifoto ku rup. 15]

Ahapakirirwa ibitabu

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika