Yarabatekesheje umutwe
ABASORE batatu bo muri Afirika yo hagati bashatse kwitaba ihwaniro ryari kubera muri ako karere. None bashitseho gute? Hari nko ku bilometero 90 uvuye aho baba, kandi amabarabara yashikayo yari mabimabi, yuzuyemwo umukungugu, kandi nta buryo na bumwe bari bafise bwo kwiyunguruza. Baciye bafata ingingo yo gutira amakinga atatu, mugabo ntibashoboye kuronka ayameze neza.
Hari umukurambere wo mw’ishengero ryabo yabonye ingorane abo basore bari bafise, aca ababaza niba boshima gukoresha iryiwe, iryari rishaje mugabo rikaba rigikora neza. Yarabasiguriye ukuntu we be n’abandi bahora biyungunganya mu kuja kw’ihwaniro. Uwo mukurambere yabagiriye inama yuko bokoresha iryo kinga rimwe uko ari batatu. Iyo nama yari yoroshe, mugabo kuyishira mu ngiro ntihari aho gutuma umwana. None bari gushobora gute gukoresha ikinga rimwe ari batatu?
Kugira ngo birinde uruzuba, abo bavukanyi b’imisore barahuriye hamwe hakiri kare mu gitondo barashira imizigo yabo kuri nya kinga. Uwa mbere arijako abandi babiri na bo baramukurikira bari ku maguru bagenda baranyaruka. Amaze kugenda nk’imetero 500, yarahagaze yegeka rya kinga ririko imizigo ku giti. Ariko ntiwumve, yaritwararitse kurishira aho ba bandi bashobora kuribona kugira ngo ntihagire uwuryiba. Uwo wa mbere yaciye abandanya n’amaguru.
Igihe ba bandi babiri bashikira iryo kinga, umwe yaciye arijako uwundi na we aguma agenda n’amaguru nk’izindi metero 500 imbere y’uko aramukirwa. Kubera ko abo basore batatu batunganije ibintu neza, kandi bakagira umwiyemezo ukomeye, barashoboye kugabanya urugendo bari kugira n’amaguru rw’ibilometero 90 ruba urw’ibilometero 60. Akigoro bagize ntikabaye impfagusa. Barahuriye hamwe n’abavukanyi n’abavukanyikazi kw’ihwaniro bongera barahimbarwa no gufungura ku mazimano yo mu buryo bw’impwemu. (Gus. 31:12) Uno mwaka, woba uzokora ukwo ushoboye kwose kugira witabe ihwaniro ry’intara rizobera mu karere iwanyu?