Ivyabajijwe n’abasomyi bacu
Rya segenya ryo mu gihe ca Nowa, ryoba vy’ukuri ryarakwiye kw’isi yose?
Haraciye imyaka irenga 4.000 rya Segenya ryo mu gihe ca Nowa riteye. Ku bw’ivyo, nta bantu baryiboneye bakiriho kw’isi kugira ngo batuyagire ibiryerekeye. Ariko rero, hariho inkuru yanditse yerekeye ico cago, ivuga yuko amazi y’iryo segenya yarengeye n’umusozi muremure wasumba iyindi yose yariho ico gihe.
Iyo nkuru yo muri kahise ivuga iti: “Umwuzure umara kw isi imisi mirongwine. . . . Amazi arushiriza cane kwiganza kw isi, imisozi miremire yose yo musi y’ijuru iyo riva rikagera irarengerwa. Amazi arīganza asumba imisozi, ayirenga amatambge cumi n’atanu y’ukuboko uciriye mu nkokora [ni ukuvuga imetero 6 n’inusu].”—Itanguriro 7:17-20.
Hariho aboshobora kwiyumvira ko iyo nkuru y’uko isi yose yarengewe n’amazi ari igitito canke ko n’imiburiburi ari ugushikuza. Habe na buhoro! Mu vy’ukuri, igice kinini c’isi n’ubu ciganziwe n’amazi. Amazi yo mu mabahari yigarurira ibice 71 kw’ijana vy’uburinganire bw’isi. Mu vy’ukuri rero, amazi ya rya segenya aracariho ng’aha kw’isi. Vyongeye, hamwe ibibarafu usanga bishashe ku misozi be n’ibiba bishashe mu turere two kw’isonga rya ruguru n’iry’epfo y’umubumbe w’isi vyoyonga, urugero rw’amazi y’ibahari rwoca ruduga gushika n’aho rurengera ibisagara nka New York be na Tokyo.
Abahinga mu vy’ubutaka batohoje ibijanye n’ukuntu akarere ko mu Buraruko bushira Uburengero bwa Leta Zunze Ubumwe za Amerika kameze, bavuga yuko muri kahise ako karere kigeze guterwa n’amasegenya akomeye ashika ku 100. Bivugwa yuko rimwe muri ayo masegenya ryisutse muri ako karere ryihuta cane rifise amazi agera ku metero 600 z’uburebure bw’igihagararo, rikaba ryari rifise umuvuduko w’ibilometero 105 kw’isaha. Ubundi bushakashatsi nk’ubwo bwagizwe, bwatumye abandi banyasiyansi bemera ko bishoboka yuko isegenya rikwiye kw’isi yose ryoba ryarabaye.
Ariko rero, ku bantu bemera yuko Bibiliya ari Ijambo ry’Imana, isegenya rikwiye kw’isi yose si ikintu gusa gishobora kuba carabaye, ahubwo ni ikintu cabaye vy’ukuri. Yezu yabwiye Imana ati: “Ijambo ryawe ni ukuri.” (Yohani 17:17) Intumwa Paulo yanditse ko Imana igomba yuko “abantu b’uburyo bwose bakizwa bagashika ku bumenyi butagira amakosa bwerekeye ukuri.” (1 Timoteyo 2:3, 4) None wumva Paulo yari gushobora gute kwigisha abayoboke ba Yezu ukuri kwerekeye Imana nimba Ijambo ry’Imana ririmwo ibitito?
Yezu ntiyemera gusa yuko rya Segenya ryabaye, ariko kandi yaremera yuko ryabaye kw’isi yose. Mu buhanuzi buhambaye Yezu yashikirije ku bijanye n’ukuhaba kwiwe be n’iherezo ry’ivy’iyi si, ibintu yavuze ko vyobaye muri ico kiringo yabisanishije n’ivyabaye mu gihe ca Nowa. (Matayo 24:37-39) Intumwa Petero na we nyene yaranditse ibijanye n’amazi ya rya segenya ryo mu gihe ca Nowa, ati: “Biciye kuri ubwo buryo isi y’ico gihe yaratikijwe igihe yarengerwa n’amazi y’umwuzure.”—2 Petero 3:6.
Nimba Nowa be n’iryo segenya ryabaye kw’isi yose vyari ibintu bivugwa gusa mu bitito, izo ngabisho Petero na Yezu batanze ku bobayeho mu misi ya nyuma nta co zobaye zimaze. Aho kuba ingabisho, ivyiyumviro nk’ivyo vyohumye amaso umuntu ntiyiteho imburi Bibiliya itanga, gutyo agashobora guhomba akaryo yari afise ko gushobora kurokoka icago gikomeye kuruta iryo Segenya ryo mu gihe ca Nowa.—2 Petero 3:1-7.
Mu kuvuga ibijanye n’imbabazi zayo zidahera igirira abasavyi bayo, Imana yavuze iti: “Nk’uko narahiye k’umwuzure wo mu gihe ca Nowa utazokwongera kurengera isi, ni ko n’ubu ndahiye ko ntazokurakira ngo ndagutonganye.” Nka kurya nyene ata gukeka yuko rya Segenya ryo mu misi ya Nowa ryarengeye isi, ni ko n’ubuntu budahemuka bw’Imana buzokwamana n’abayizigira.—Yesaya 54:9.