Niwigane wa Mumisiyonari mukuru
“Munyigane, nk’uko nanje nigana Kristu”.—1 KOR. 11:1.
1. Ni kubera iki dukwiye kwigana Yezu Kristu?
INTUMWA Paulo yariganye wa Mumisiyonari mukuru, ari we Yezu Kristu. Vyongeye, yahimirije abakirisu bagenziwe ati: “Munyigane, nk’uko nanje nigana Kristu” (1 Kor. 11:1). Yezu ahejeje guha intumwa ziwe akarorero mu bijanye n’ukwicisha bugufi mu kwoza ibirenge vyabo yicishije bugufi, yababwiye ati: “Nabahaye icitegererezo, kugira ngo, nk’uko nabagiriye, abe ari ko mugiriranira namwe” (Yoh. 13:12-15). Twebwe abakirisu bo muri iki gihe, dusabwa kwigana Yezu Kristu mu mvugo no mu ngiro be no mu bijanye na kamere tugaragaza.—1 Pet. 2:21.
2. Naho Inama Nyobozi itoba yarakugenye kuba umumisiyonari, ni agatima akahe ushobora kugaragaza?
2 Mu kiganiro c’imbere y’iki, twabonye ko umumisiyonari ari umuntu arungikwa kwamamaza injili, ni ukuvuga uwushira abandi inkuru nziza. Ku bijanye n’ivyo, hariho ibibazo bishimishije Paulo yabajije (Soma Abaroma 10:11-15.). Urabona ko iyo ntumwa yabajije iti: “Bazokwumva gute ata wamamaza?”. Maze aca asubiramwo amajambo yavuzwe n’umuhanuzi Yesaya, ati: “Ewe kuntu biteye igomwe ibirenge vy’abamenyesha inkuru nziza y’ivyiza!” (Yes. 52:7). Naho woba utagenywe kuba umumisiyonari ngo urungikwe kuja gukorera mu bindi bihugu, urashobora kugaragaza agatima ko kwamamaza injili mu kwigana Yezu uri umwamamaji w’inkuru nziza w’umunyamwete. Mu mwaka uheze, abamamaji b’Ubwami 6.957.852 ‘barakoze igikorwa c’abamamaji b’injili’ mu bihugu 236.—2 Tim. 4:5.
“Twebwe twarasize vyose turagukurikira”
3, 4. Ni ibiki Yezu yasize mw’ijuru, kandi ni igiki dutegerezwa gukora kugira ngo tube abayoboke biwe?
3 Kugira ngo Yezu ashitse uruhara yashinzwe kurangura ngaha kw’isi, “ya[ra]hevye vyose afata imero y’umushumba”, araheba ubuzima be n’ubuninahazwa yari afise mw’ijuru (Flp. 2:7). Nta kintu na kimwe twokora mu kwigana Kristu coshobora kugereranywa n’ivyo Yezu yakoze igihe yaza kw’isi. Ariko turashobora kuguma dushikamye turi abayoboke biwe, tutarabana umunoho ivyo twasize mw’isi ya Shetani.—1 Yoh. 5:19.
4 Igihe kimwe, intumwa Petero yabwiye Yezu ati: “Ehe twebwe twarasize vyose turagukurikira” (Mat. 19:27). Igihe Yezu yasaba Petero, Andereya, Yakobo na Yohani kumukurikira, baciye ubwo nyene baheba insenga zabo baramukurikira. Barahevye igikorwa cabo co kuroba maze ubusuku babugira wo mwuga wabo. Nk’uko Injili ya Luka ivyigana, Petero yavuze ati: “Ehe twebwe twarasize ivyacu turagukurikira” (Luka 18:28). Benshi muri twebwe ntitwabwirijwe gusiga “ivyacu” vyose kugira ngo dukurikire Yezu. Ariko, twabwirijwe ‘kwiyanka’ kugira ngo tube abayoboke ba Kristu be n’abasavyi ba Yehova bamusukurira n’umutima wabo wose (Mat. 16:24). Iyo ngendo yatumye twironkera imihezagiro myinshi (Soma Matayo 19:29.). Kugaragaza agatima ko kwamamaza injili mu kwigana Kristu biratuma tugira akanyamuneza mu mutima, na canecane igihe tuba twaragize ico duterereye, naho coba ari gitoyi, mu gufasha umuntu kugira ngo yiyegereze Imana n’Umwana wayo mukundwa.
5. Igana icabonywe cerekana ingingo umuntu w’umwimukira yoshobora gufata kubera ko yamenye ukuri kwo muri Bibiliya.
5 Umugabo umwe w’Umunyaberezile yitwa Valmir yari umucukuzi w’inzahabu akaba yaba hagati mu gihugu ca Suriname. Yari yariziziwe n’inzoga akaba n’igihumbu. Igihe yari mu gisagara kimwe, Ivyabona vya Yehova baratanguye kwigana na we Bibiliya. Yiga buri musi, aragira ivyo ahinduye bitari bike, maze bidatevye arabatizwa. Aho aboneye ko akazi yakora katamworohereza kubaho yisunga ukwo kuri yari aherutse kuronka, yaciye agurisha umutahe wiwe maze arataha muri Berezile kugira ngo afashe umuryango wiwe kwironkera amatunga yo mu buryo bw’impwemu. Igihe abantu benshi b’abimukira bamenye ukuri kwo muri Bibiliya, baraheba babigiranye umutima ukunze ubuzi bahora bakorera mu bihugu bitunze maze bagatahuka mu bihugu vyabo vy’amavukiro kugira ngo bafashe incuti zabo be n’abandi bantu mu vy’impwemu. Mwene abo bamamaji b’Ubwami baragaragaza agatima nyako ko kwamamaza injili.
6. Ni igiki dushobora gukora mu gihe twoba tudashoboye kwimukira ahantu hakenewe abamamaji b’Ubwami kuruta ahandi?
6 Ivyabona batari bake barashoboye kwimukira mu turere aho usanga hakenewe abamamaji b’Ubwami kuruta ahandi. Hari mbere n’abagiye gukorera mu bindi bihugu. Ku bitwerekeye, hari aho twoba tudashoboye kubigenza gutyo, ariko turashobora kwigana Yezu mu kwama dukora ivyo dushoboye vyose mu busuku.
Yehova araturonsa ukumenyerezwa dukeneye
7. Ni amashure ayahe ahari amenyereza abipfuza kuryohora ubuhanga bwabo ari abamamaji b’Ubwami?
7 Nka kurya nyene Yezu yamenyerejwe na Se wiwe, na twebwe turashobora kwungukira ku nyigisho Yehova ariko araturonsa muri iki gihe. Yezu ubwiwe yavuze ati: “Vyanditswe mu Bahanuzi ngo: ‘Kandi bose bazokwigishwa na Yehova’” (Yoh. 6:45; Yes. 54:13). Muri iki igihe, hariho amashure canecane agenewe kuturonsa ivyo twebwe abamamaji b’Ubwami dukeneye. Ata gukeka, twese hari ukuntu twungukiye kw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi rigirirwa mu mashengero dukukira. Abatsimvyi baraterwa agateka ko kwitaba Ishure ry’umurimo w’abatsimvyi. Abatsimvyi batari bake babumazemwo igihe barahimbawe no kwitaba iryo shure ubugira kabiri. Abakurambere n’abakozi b’ishengero baritavye Ishure ry’ubusuku bw’Ubwami ribafasha kuryohora ubuhanga bwabo bwo kwigisha be n’umurimo barangurira abakirisu bagenzi babo. Hari abakurambere n’abakozi b’ishengero b’abirebange batari bake bitavye rya Shure rimenyereza abasuku, iryo na ryo rikaba ribamenyereza kugira ngo bafashe abandi mu gikorwa co kwamamaza. N’ikindi kandi, hari abavukanyi n’abavukanyikazi benshi barungitswe gukorera umurimo w’ubumisiyonari mu bindi bihugu babanje kumenyerezwa kw’Ishure ry’ivya Bibiliya ry’i Gileyadi rya Watchtower.
8. Abavukanyi bamwebamwe baha agaciro ku rugero rungana iki ukumenyerezwa Yehova abaronsa?
8 Ivyabona vya Yehova benshi baragize ivyo bahinduye kugira ngo bitabe ayo mashure. Kugira ngo uwitwa Yugu yitabe rya Shure rimenyereza abasuku muri Kanada, yarahevye akazi yahora akora kubera ko umukoresha wiwe yanse kumwemerera kumara igihe kinaka adakora. Yugu avuga ati: “Sinicuza namba. Nkako, iyo baba barancishirijemwo bakanyemerera kumara ico gihe ntakora, bari gushobora kwitega ko mu nyuma nogumye nkorera muri iyo kompanyi, sinigere ndayivirira. Ariko ubu nditeguriye gukora igikorwa ico ari co cose kivuye kuri Yehova noshobora guhabwa”. Kugira ngo benshi bungukire ku kumenyerezwa gutangwa n’Imana, barahevye babikunze ivyo bigeze kuba baha agaciro kanini cane.—Luka 5:28.
9. Tanga akarorero kerekana ko inyigisho yo mu Vyanditswe be n’akigoro gakomeye bivamwo ivyiza.
9 Inyigisho ishingiye ku Vyanditswe be n’utwigoro dukomeye biraba ngirakamaro cane (2 Tim. 3:16, 17). Rimbura ivyashikiye uwitwa Saulo wo mu gihugu ca Gwatemala. Yari yavukanye akagorane mu bwenge, kandi umugore umwe mu bigisha ba Saulo yarabwiye nyina wiwe yuko atari akwiye kumuhatira kwiga gusoma, ngo kubera yuko ivyo ata kindi vyogize atari ugutesha umutwe uwo mwana. Saulo yahevye ishure ataramenya gusoma. Ariko rero, hari Icabona yigishije Saulo gusoma akoresheje ka gatabu Niwijukire Gusoma no Kwandika. Saulo yahavuye atera imbere ku buryo yashikiriza ibiganiro mw’Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi. Mu nyuma, igihe nyina wa Saulo yariko aramamaza inzu ku nzu, yarahuye na wa mwigisha wa Saulo. Aho uwo mwigisha yumviye ko Saulo yari asigaye azi gusoma, yaciye asaba nyina wiwe ko boza bazananye ku ndwi ikurikira. Kuri nya ndwi yakurikiye, wa mwigisha yabajije Saulo ati: “Mbega ugomba unyigishe iki?”. Saulo yaciye atangura gusoma ingingo imwe mu gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?. Nya mwigisha na we aca avuga ati: “Sinumva ko ari wewe vy’ukuri woba uriko uranyigisha”. Vyaranse ko yigumya ngo ntakorore amosozi, maze aca aramugumbira.
Inyigisho ikora ku mutima
10. Ni ikihe gikoresho dufise ciza utoraba dukoresha mu kwigisha ukuri kwo muri Bibiliya?
10 Yezu yashingira inyigisho ziwe ku vyo Yehova ubwiwe yari yaramwigishije no ku buyobozi yakura mw’Ijambo ry’Imana ryanditse (Luka 4:16-21; Yoh. 8:28). Turigana Yezu mu gukurikiza impanuro atanga no mu kwama twisunga Ivyanditswe. Twese turaheza tugahuza mu vyo tuvuga no mu vyo twiyumvira, maze ivyo bikagira ico biterereye kugira ngo twunge ubumwe (1 Kor. 1:10). Ese ukuntu dukenguruka cane kubona wa “mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge” aturonsa ibitabu bishingiye kuri Bibiliya bidufasha kuzigama ubumwe mu vyo twigisha no kurangura igikorwa twashinzwe turi abamamaji b’injili (Mat. 24:45; 28:19, 20)! Kimwe muri ivyo bitabu ni kimwe citwa Ivyo Bibiliya yigisha, ubu kiboneka mu ndimi 179.
11. Umuvukanyikazi umwe wo muri Etiyopiya yatsinze gute ukurwanywa akoresheje igitabu Ivyo Bibiliya yigisha?
11 Kwiga Ivyanditswe ukoresheje igitabu Ivyo Bibiliya yigisha birashobora no gutuma abaturwanya bahindura umutima. Igihe kimwe, hari umuvukanyikazi w’umutsimvyi yitwa Lula wo muri Etiyopiya yariko arayobora inyigisho ya Bibiliya, maze umugore umwe w’incuti y’uwo mutohoji ariyadukiza aho bariko barigira hanyuma avuga yuko batari bakwiye kugira inyigisho mwene iyo. Lula yarazirikanye n’uwo mugore umutima uri mu nda, arakoresha akarorero kerekeye inoti z’inyiganano kavugwa mu kigabane ca 15 c’ico gitabu Ivyo Bibiliya yigisha. Nya mugore yaraturuye maze arabareka barabandanya iyo nyigisho. Wanashaka, ku nyigisho yakurikiye ni ho yari ari maze aca arasaba ko na we nyene yogirirwa inyigisho ya Bibiliya, aranemera ko yopfuma ayirihira! Budakeye na kabiri yari asigaye yiga gatatu mu ndwi kandi yaragize iterambere ryiza mu vy’impwemu.
12. Tanga akarorero kerekana ko abakiri bato bashobora kwigisha ukuri kwo muri Bibiliya hakavamwo ivyiza.
12 Abakiri bato barashobora gufasha abandi mu gukoresha igitabu Ivyo Bibiliya yigisha. Igihe uwukiri muto umwe w’imyaka 11 yitwa Keanu wo muri Hawayi yariko arasomera ico gitabu kw’ishure, hari umwe mu bo bigana yamubajije ati: “Ni kubera iki udahimbaza imisi mikuru?”. Keanu yaramusomeye ya nyishu nyene dusanga mu mayagwa y’inyongera avuga ngo “Hoba hari imisi mikuru tudakwiye guhimbaza?”. Yaciye azingurura ku rupapuro rwerekana ibiri muri ico gitabu maze amubaza ikiganiro coba kimushimishije kuruta ibindi. Inyigisho ya Bibiliya yari itanguye. Mu mwaka w’umurimo uheze, Ivyabona vya Yehova bayoboye inyigisho za Bibiliya 6.561.426, nyinshi muri izo zikaba zayobowe hakoreshejwe igitabu Ivyo Bibiliya yigisha. Woba uriko urakoresha ico gikoresho mu kuyobora inyigisho za Bibiliya?
13. Ni mu buryo ubuhe kwiga Bibiliya bishobora kugira akosho gakomeye ku bantu?
13 Kwiga Ivyanditswe hakoreshejwe igitabu Ivyo Bibiliya yigisha birashobora kugira akosho gakomeye ku bantu bipfuza gukora ivyo Imana igomba. Hari umugabo n’umugore bubakanye bakora ubutsimvyi budasanzwe bo muri Noroveje batanguye kwigana Bibiliya n’umuryango waje uva muri Zambiya. Uwo mugabo n’umugore b’Abanyazambiya bari bafise abana batatu b’abakobwa kandi nta wundi mwana bashaka kuvyara. Igihe rero uwo mugore yamenya ko yasamye, baciye bafata ingingo yo gukoroza iyo mbanyi. Hagisigaye imisi mike ngo babonane n’umuganga, barize ikigabane kivuga ngo “Nitubone ubuzima nk’uko Imana ibubona”. Ifoto y’akana kataravuka yerekanwa muri ico kigabane yarakoze cane ku mutima uwo mugabo n’umugore ku buryo baciye bafata ingingo yo kudakoroza iyo mbanyi. Barabandanije kugira iterambere ryiza mu vy’impwemu, kandi umuhungu wabo amaze kuvuka baciye bamwita izina rya nya muvukanyi yabagirira inyigisho.
14. Tanga akarorero kerekana ingene kubaho duhuza n’ivyo twigisha bishobora kuvamwo ivyiza.
14 Umuce uhambaye ujanye n’uburyo Yezu yakoresha mu kwigisha ni uw’uko yabaho ahuza n’ivyo yigisha. Abantu benshi barashima cane inyifato nziza y’Ivyabona vya Yehova bigana Yezu muri uwo muce. Hari imodokari y’umugwizatunga umwe wo mu gihugu ca Nouvelle Zélande yatewe n’abambuzi maze agasakoshi kiwe karibwa. Yaciye abimenyesha abapolisi, na bo bamubwira bati: “Ibintu vyawe ushobora gusubira kubibona igihe gusa vyotorwa n’Icabona ca Yehova”. Hari Icabonakazi yariko atanga ibinyamakuru yagiye abona ka gasakoshi. Nyene ako gasakoshi amaze kubimenyeshwa, yaraje kwa nya muvukanyikazi. Uwo mugabo yarahumurijwe no kubona ko urukaratasi rwari n’agaciro kanini kuri we rwari rukiri muri nya gasakoshi. Uwo muvukanyikazi yamubwiye ati: “Nta kindi cari kumbera ciza atari ukukugarurira ivyawe, canecane kuko ndi Icabona ca Yehova”. Uwo mugwizatunga yaratangaye cane yibutse ivyo ba bapolisi bari bamubwiye muri ico gitondo nyene. Si agaseseshwarumuri, abakirisu b’ukuri babayeho bahuza n’inyigisho zo muri Bibiliya kandi bigana Yezu.—Heb. 13:18.
Niwigane agatima Yezu yagaragariza abantu
15, 16. Dushobora gute gutuma abantu bakwegerwa n’ubutumwa twamamaza?
15 Agatima Yezu yagaragariza abantu karatuma bakwegerwa n’ubutumwa yashikiriza. Nk’akarorero, urukundo rwiwe n’ukwicisha bugufi kwiwe vyaratuma abantu bo hasi baza kuri we. Yaragirira impuhwe abaza kuri we kandi akabahumuriza akoresheje amajambo aranga umutima mwiza, agakiza n’abarwayi benshi (Soma Mariko 2:1-5.). Ntidushobora gukora ibitangaro, ariko turashobora kugaragaza urukundo, ukwicisha bugufi n’impuhwe, izo na zo zikaba ari kamere zidufasha gutuma abantu bakwegerwa n’ukuri.
16 Kugaragariza abandi impuhwe vyarafashije cane igihe umuvukanyikazi umwe w’umutsimvyi adasanzwe yitwa Tariua yaramutsa ku muhana w’umutama umwe yitwa Beere aba muri rimwe mu mazinga ya kure cane ya Kiribati mu Bumanuko bwa Pasifike. Naho uwo mutama yagaragaje ko ata mutima ukunze wo kwumviriza yari afise, Tariua yarabonye ko yari amugaye igice kimwe cose c’umubiri maze aca amwumvira impuhwe. Uwo muvukanyikazi yamubajije ati: “Woba umaze kwumva ico Imana isezeranira abantu barwaye be n’abageze mu zabukuru?”. Yaciye amusomera amajambo yo mu buhanuzi bwa Yesaya (Soma Yesaya 35:5, 6.). Uwo mutama yarakozwe ku mutima, maze aca avuga ati: “Maze imyaka n’iyindi nsoma Bibiliya kandi hari umumisiyonari wo mw’idini ndimwo amaze imyaka myinshi angendera, ariko ivyo sinari bwigere ndabibona muri Bibiliya”. Beere yaciye atangura kwiga Bibiliya kandi yaragize iterambere ryiza mu vy’impwemu. Ego ni ko yari afise ubumuga bukomeye, ariko ubu yarabatijwe, akaba aja imbere abandi mu kwitwararika umugwi uri ukwa wonyene kandi arashoboye kugenda hirya no hino muri iryo zinga yamamaza inkuru nziza.
Nubandanye kwigana Kristu
17, 18. (a) Ushobora gute kuba umwamamaji w’injili abishoboye? (b) Ni ibiki abafatana uburemere ubusuku bwabo babikiwe?
17 Nk’uko ivyabonywe biteye umunezero vyo mu busuku akatari gake bivyerekana, turashobora kuba abamamaji b’injili babishoboye mu gihe dutsimbataje kandi tukagaragaza kamere Yezu yagaragaje. Ese ukuntu bikwiriye ko twigana Kristu turi abamamaji b’injili b’abanyamwete!
18 Igihe bamwebamwe bacika abigishwa ba Yezu mu kinjana ca mbere, Petero yabajije ati: “None vy’ukuri tuzohakura iki?”. Yezu yishuye ati: “Umuntu wese yasize amazu canke bene wabo canke bashikiwe canke se canke nyina canke abana canke amatongo ku bw’izina ryanje, azoronka ibiruta ivyo incuro nyinshi kandi azotorana ubuzima budahera” (Mat. 19:27-29). Nta nkeka ko tuzokwibonera yuko ayo majambo ari ay’ukuri, nitwabandanya kwigana wa Mumisiyonari mukuru, Yezu Kristu.
Wokwishura gute?
• Yehova ariko aratumenyereza gute kugira ngo tube abamamaji b’injili?
• Ni kubera iki igitabu Ivyo Bibiliya yigisha ari ngirakamaro mu busuku turangura?
• Dushobora gute kwigana Yezu mu bijanye n’agatima tugaragariza abantu?
[Ifoto ku rup. 17]
Igihe Yezu yasaba Petero, Andereya, Yakobo na Yohani ngo bamukurikire, baciye ubwo nyene bamukurikira
[Ifoto ku rup. 19]
Ibitabu nka kimwe “Ivyo Bibiliya yigisha”, biradufasha kuguma twunze ubumwe mu vyo twigisha