ICIGWA CA 31
Ubwami bw’Imana ni iki?
Ubutumwa nyamukuru dusanga muri Bibiliya ni ubwerekeye Ubwami bw’Imana. Yehova azokoresha ubwo Bwami mu guhindura iyi si ibe iparadizo. Ubwami bw’Imana ni iki? Ni ibiki bitwemeza ko buriko buraganza? Ni ibiki bumaze gukora? Kandi ni ibiki buzokora muri kazoza? Tuzoronka inyishu z’ivyo bibazo muri iki cigwa no mu bindi bibiri bikurikira.
1. Ubwami bw’Imana ni iki kandi Umwami wabwo ni nde?
Ubwami bw’Imana ni intwaro Yehova Imana yashizeho. Umwami w’ubwo Bwami ni Yezu Kristu akaba aganza ari mw’ijuru. (Matayo 4:17; Yohani 18:36) Ku vyerekeye Yezu, Bibiliya ivuga iti: “Azoganza . . . ibihe vyose.” (Luka 1:32, 33) Yezu we Mwami w’Ubwami bw’Imana azoganza abantu bose kw’isi.
2. Ni bande bazofadikanya na Yezu kuganza?
Yezu ntazoganza ari wenyene. Abantu bo “mu muryango wose n’ururimi rwose n’igisata cose n’ihanga ryose . . . bazoganza isi.” (Ivyahishuwe 5:9, 10) Ni bangahe bazofadikanya na Yezu kuganza? Kuva Yezu aje kw’isi, abantu amamiliyoni barabaye abigishwa biwe. None abo bose boba bazofadikanya na we kuganza? Oya. Abantu 144.000 ni bo bonyene bazoja mw’ijuru bafadikanye na we kuganza. (Soma Ivyahishuwe 14:1-4.) Abasigaye bose bazoba bari kw’isi kandi bazotwarwa n’ubwo Bwami.—Zaburi 37:29.
3. Kubera iki Ubwami bw’Imana buruta intwaro z’abantu?
Naho abategetsi bagerageza gukora ibintu vyiza, nta bubasha bafise bwo gukora ivyo bashaka vyose. N’igihe bavuye ku butegetsi, hari aho usanga basubiriwe n’abantu batitaho ineza y’abanyagihugu. Ariko Yezu we Mwami w’Ubwami bw’Imana, nta muntu n’umwe azokwigera amusubirira. Imana “[yashinze] ubwami butazokwigera busenyurwa.” (Daniyeli 2:44) Yezu azoganza isi yose kandi ntazogira nkunzi. Arakundana, ni umunyabuntu kandi arangwa n’ubutungane. Vyongeye, azokwigisha abantu gufata abandi muri ubwo buryo, ni ukuvuga kubagaragariza urukundo, ubuntu n’ubutungane.—Soma Yesaya 11:9.
TWINJIRE MU MIZI
Reka turabe igituma Ubwami bw’Imana buruta intwaro zose z’abantu.
4. Ubwami bw’Imana buzoganza isi yose
Yezu Kristu arafise ububasha bwo kuganza buruta ubw’umutegetsi uwo ari we wese w’umuntu yigeze kubaho muri kahise. Nimusome Matayo 28:18, muce muganira kuri iki kibazo:
Ububasha Yezu afise bwo kuganza butandukaniye he n’ubw’abategetsi b’abantu?
Ubutegetsi bw’abantu burahindagurika kenshi kandi usanga butwara akarere kanaka k’isi. Ubwami bw’Imana bwo bite? Nimusome Daniyeli 7:14, muce muganira kuri ibi bibazo:
Kubera iki ari vyiza kuba Ubwami bw’Imana butazokwigera busenyurwa?
Kubera iki ari vyiza kuba buzoganza isi yose?
5. Intwaro z’abantu zitegerezwa gusubirizwa
Kubera iki Ubwami bw’Imana butegerezwa gusubirira intwaro z’abantu? Nimurabe iyo VIDEWO, muce muganira kuri iki kibazo:
Ubutegetsi bw’abantu bwatumye ibintu bimera gute?
Nimusome Umusiguzi 8:9, muce muganira kuri ibi bibazo:
Ubona Ubwami bw’Imana bukwiye gusubirira ubutegetsi bw’abantu? Kubera iki?
6. Abatware b’Ubwami bw’Imana baradutahura
Kubera ko Umwami wacu Yezu yabayeho ari umuntu, arashobora “gusangira natwe umubabaro mu bugoyagoye bwacu.” (Abaheburayo 4:15) Yehova yaratoye abagabo n’abagore b’abizigirwa 144.000 kugira bazofadikanye na Yezu kuganza. Yabatoye abakuye “mu muryango wose n’ururimi rwose n’igisata cose n’ihanga ryose.”—Ivyahishuwe 5:9.
Ubona vyoba bihumuriza kuba Yezu n’abo bazofadikanya kuganza batahura ingene twiyumva n’ingorane ducamwo? Kubera iki wishuye gutyo?
Yehova yarahisemwo abagabo n’abagore bakomoka mu mihingo itandukanye ngo bazofadikanye na Yezu kuganza
7. Ubwami bw’Imana bufise amategeko meza kuruta ay’abantu
Intwaro zirashiraho amategeko agenewe gufasha no gukingira abatwarwa bazo. Ubwami bw’Imana na bwo nyene burafise amategeko abatwarwa babwo bategerezwa gukurikiza. Nimusome 1 Abakorinto 6:9-11, muce muganira kuri ibi bibazo:
Wibaza ko kw’isi ibintu bizoba vyifashe gute igihe abantu bose bazoba bakurikiza amategeko y’Imana?a
Ubona Yehova afise uburenganzira bwo gusaba abatwarwa b’Ubwami bwiwe kwubahiriza amategeko yiwe? Kubera iki wishuye gutyo?
Ni igiki cerekana ko n’abantu batariko barubahiriza ayo mategeko bashobora guhinduka?—Raba umurongo wa 11.
Intwaro z’abantu zirashiraho amategeko akingira abatwarwa kandi bakayungukirako. Ubwami bw’Imana na bwo nyene burafise amategeko meza cane akingira abatwarwa babwo kandi akabagirira akamaro
HARI ABAVUGA BATI: “Ubwami bw’Imana buri mu mutima wacu.”
Womwishura gute?
INCAMAKE
Ubwami bw’Imana ni intwaro ibaho koko iri mw’ijuru, ikaba izoganza isi yose.
Wize iki?
Ni bande bazoganza mu gihe c’Ubwami bw’Imana?
Ni kubera iki Ubwami bw’Imana buruta intwaro zose z’abantu?
Ni ibintu ibihe Yehova yiteze ko abatwarwa b’Ubwami bwiwe bashitsa?
RONDERA N’IBINDI
Nurabe ivyo Yezu yavuze ku bijanye n’aho Ubwami bw’Imana buri.
“Ubwami bw’Imana bwoba buri mu mutima wawe?” (Ikiganiro co kuri jw.org)
Kubera iki Ivyabona vya Yehova bahitamwo gushigikira Ubwami bw’Imana aho gushigikira intwaro z’abantu?
Nurabe ivyo Bibiliya ivuga ku vyerekeye ba bantu 144.000 Yehova yacagura ngo bafadikanye na Yezu kuganza.
Nurabe icatumye umugore yari apfunzwe yemera yuko Imana yonyene ari yo ishoboye kuzana ubutungane kw’isi.
“Naramenye uwuzotorera umuti akarenganyo” (Be maso!, Munyonyo 2011 mu gifaransa)
a Tuzobona amwe muri ayo mategeko mu Gice ca 3.