Ikigabane ca 5
Umwidegemvyo Ufiswe n’Abasavyi ba Yehova
1, 2. (a) Ba bantu babiri ba mbere Imana yari yabahaye umwidegemvyo umeze gute? (b) Vuga amwe amwe mu mategeko yagenga ukubaho kwabo.
IGIHE Yehova yarema abantu babiri ba mbere, bari bafise umwidegemvyo uruta kure n’iyo uwo abantu bafise ubu, uwo ari wo wose. Bāba mw iparadizo. Nta ndwara zabavurugira umunezero mu buzima. Nta rupfu rwari rubarindiriye. Ukwubaha amategeko y’Imana ni co kintu gihambaye cari gutuma bagumana uwo mwidegemvyo.
2 Hari aho amwe amwe muri aya mategeko atari yaravuzwe mu majambo, ariko Adamu na Eva bari baremwe mu buryo ivy’ukuyakurikiza bitari kuba ivy’ukurinda kwiga. Akayabagu rero kērekana ko ugufungura ari nkenerwa; inyota na yo yagaragaza ko ivy’ukunywa bikenewe. Ukurenga kw izuba kwatuma baruhuka hanyuma bagasinzira kubera ko bikenewe. Kandi Yehova yaravuganye na bo abashinga n’igikorwa. Mu vy’ukuri ico gikorwa yabashinze ryari itegeko, kubera ko ari co corongōye uburyo bakwiye kwigenza. Ese ingene ryari itegeko rigaragaza ubuntu, kandi ribafitiye akunguko! Ryarabaronkeje igikorwa cobahimbaye koko, kigatuma bashobora gukoresha ubushobozi bwabo bw’ukwiyumvīra bimwe bishitse, mu buryo bwiza rwose. Bābwirizwa kuvyara abana, bakaganza ibikōko vyose vyo mw isi, hanyuma buhoro buhoro bakāgura iparadizo kushika ikwiye isi yose. (Itanguriro 1:28; 2:15) Imana ntiyabaremereje amategeko mato mato adakenewe. Bari bafise rwose uburenganzira bw’ugufata ingingo. Hari ico umuntu yokwipfuza coza kiruta ico?
3. Ni igiki cari gufasha Adamu gukoresha mu buryo bwiza umwidegemvyo yari afise mu vy’ugufata ingingo?
3 Birumvikana ko igihe Adamu yaterwa iteka ry’ugufata ingingo atari ukuvuga ko ingingo yofashe yose naho yobaye imeze gute, yogize inkurikizi nziza. Umwidegemvyo yari afise mu vy’ugufata ingingo watuma arangūra n’ibanga. Yokwize ibintu mu kwumviriza Se wo mw ijuru no mu kwihweza ivyo akora, kandi Imana yari yamuhaye ubwenge bwotumye ashobora gukurikiza ivyo yatahuye. Kubera ko Adamu yari yaremwe “mw ishusho y’Imana,” kamere yiwe y’umuntu yobaye nk’icirore kigaragaza kamere z’Imana mu gihe afata ingingo. Nk’igihe yobaye akenguruka koko ivyiza Imana yamugiriye kandi akaba ashaka kuyishimisha, nta gukeka ivyo yobirangūye avyitondeye.—Itanguriro 1:26, 27; gereranya no muri Yohani 8:29.
4. (a) Ibwirizwa ryabuza Adamu kurya icamwa ryoba ryaramubuza kugira umwidegemvyo? (b) Ni kuki ryashinzwe bikwiye?
4 Yehova yamushingiye iri bwirizwa kugira ngo rimubere inyibutsa y’uko umuntu abaho yisunze Umuremyi ari we Mutanga-buzima: “Igiti cose co muri iryo tongo ukiryeko uko ugomba, ariko igiti kimenyekanisha iciza n’ikibi ntuze ukiryeko; kuko umusi wakiriyeko, uzopfa nta kabuza.” (Itanguriro 2:16, 17) Iryo tegeko ryoba ryaranyaze uwo muntu umwidegemvyo? Haba n’intete. Adamu yari afise umwidegemvyo mu vy’ukugamburuka canke kugambarara. Ivy’ukubuzwa kurya ico camwa ntivyari umutwaro. Yari afise umurengera w’ivyo yofunguye atarinze gukora kuri ico giti kimwe. Ariko vyari bibereye yuko atahura ko iyi si abako ari iy’Imana, kandi kubera ko iyo Mana ari yo Muremyi, irafise uburenganzira bw’ukugaba ikaganza ibiremwa vyayo.—Zaburi 24:1, 10.
5. (a) Adamu na Eva bikuye mu mwidegemvyo uhambaye bari bafise gute? (b) Ni igiki cawusubiriye, kandi natwe catwandukiye gute?
5 Mu nyuma habaye iki none? Umumarayika umwe yipfuza ubukuru kandi yironderera ineza yiwe, yarahenze Eva mu kwigira nk’indongozi y’ukuri, amwemeza ibinyuranye n’ivyo Imana igomba. Adamu aho kugamburukira Se, yakurikiye Eva aragarariza. Kubera ko Adamu na Eva batwaye ikitari icabo, baritesheje umwidegemvyo bari bafise. Icaha caciye kibaganza nk’uko Imana yari yababūriye, urupfu ruti turabarindiriye. Kubera ico, uruvyaro rwabo rwaciye ruragwa iki? Icaha, na co kikaba kibonekera muri kamere y’ugukora ikibi umuntu avukana, mu magara make atuma umuntu afatwa n’indwara, hamwe no mu vy’ukuntu ahava agahomvagurwa n’ubusaza. Rwararazwe n’urupfu nyene. Ivya kamere twarazwe y’ugukora ikibi bihava bikunyūrwa n’akosho ka Shetani, vyatumye haba igisata c’abantu umwe umwe wese atazi ko yirirwa canke ko aramuka. Ese ingene ivyo binyuranye n’umwidegemvyo Imana yari yahaye abantu mu ntango!—Abaroma 5:12; Yobu 14:1; Ivyahishuriwe Yohani 12:9.
Aho Umwidegemvyo Ushobora Kuboneka
6. (a) Umwidegemvyo nyakuri wova he? (b) Ni umwidegemvyo nyabaki Yezu yavuga muri Yohani 8:31, 32?
6 Witegereje uko ibintu vyifashe muri iki gihe, ntibitangaje kubona abantu bipfuza umwidegemvyo uruta uwo bafise ubu. Ariko none umwidegemvyo nyakuri wova he? Yezu Kirisitu yavuze ati: “Ni mwaguma mw ijambo ryanje, muri [abayoboke] banje vy’ukuri; kandi muzomenya ukuri, kandi ukuri kuzobaha kwidegemvya.” (Yohani 8:31, 32) Uwo mwidegemvyo si umwe udafashe abantu bizigira kuronka igihe banse umutegetsi canke intwaro yo mu buryo bunaka bagashima iyindi. Wo ni umwidegemvyo ushika mu mizi y’ingorane z’abantu. Umwidegemvyo Yezu yavuga wari uw’ugukizwa icaha, canke ivy’ukuba umuja waco. (Raba muri Yohani 8:24, 34-36.) Nuko rero iyo umuntu abaye umuyoboke nyakuri wa Yezu Kirisitu, bituma ahindura rwose uburyo bw’ukubaho, akidegemvya.
7. (a) Ni mu buryo ki none twebwe dushobora gukurwa mu buja bw’icaha ubu? (b) Kugira ngo turonke uwo mwidegemvyo dutegerezwa kugira iki?
7 Ivyo si ukuvuga ko ubu abakirisu nyakuri bataciyumvamwo ingaruka mbi y’agatima k’ugushaka kwigenza nabi umuntu avukana. Ahubwo bategerezwa kukarwanya. (Abaroma 7:21-25) Ariko igihe umuntu abayeho mu buryo buhuje n’inyigisho za Yezu, ntabandanya kuba umuja w’icaha ngo kimucobogoze. Icaha ntikibandanya kumuganza nka kurya umuntu akurikiza amategeko ashinzwe n’umwami. Ntabandanya kuboherwa mu buzima butagira akamaro, butuma ijwi ryo mu mutima rimwagiriza ibibi. Arahimbarwa n’ukugira ijwi ryo mu mutima ata kibi rimwagiriza imbere y’Imana, kubera ko ivyaha vyiwe vya kera vyahanaguwe bivuye ku kwizera inkuka Kirisitu yatanze. Hari aho agatima k’ugukora ivyaha koshobora kumugārana, ariko igihe yanse gushira iyo gashize kubera ko yibutse inyigisho za Kirisitu zityoroye, aba yerekanye ko icaha kitamuganza.—Abaroma 6:12-17.
8. (a) Ni umwidegemvyo wundi uwuhe duhabwa n’ivy’ubukirisu nyakuri? (b) Ivyo bikwiye gutuma abakuru mu vy’intwaro tubabona gute?
8 Twebwe abakirisu turafise umwidegemvyo koko. Twarakijijwe ingaruka mbi y’inyigisho z’ibinyoma, twaravuye mu buja bw’ivy’imiziro no mu buja bw’icaha. Inyigisho z’ukuri z’agakura zerekeye ukuntu ivy’abapfuye vyifashe hamwe n’izuka, zaradukuyemwo ubwoba butagira aho buhagaze bw’ugupfa rubi, ubwoba butuma ijwi ryo mu mutima ritimba. Kumenya ko izi ntwaro z’abantu zitaroranye zizosubirirwa n’intwaro y’Imana igororotse, biradukiza ivyiyumviro bitarimwo ivyizigiro. Naho ari uko, uwo mwidegemvyo ntuba urwitwazo rw’ukutitaho amategeko canke gukengera abakuru ba Reta, ngo ni uko ivy’iyi si bisigaje igihe gito bigakurwaho.—1 Petero 2:16, 17; Tito 3:1, 2.
9. (a) Yehova adufasha gute kugira wa mwidegemvyo nyakuri ushobora kuboneka ubu ku bantu abitumwe n’urukundo? (b) Mu gufata ingingo twokwerekana dute ko dutegēra neza ingaruka y’ukuntu Adamu yakoresheje nabi umwidegemvyo yari afise?
9 Yehova ntareka ngo ivyerekeye ukuntu dukwiye kwigenza mu buzima tubitegere mu kuja turagerageza ibi tubita dutora ibindi. Arazi ukuntu turemwe, arazi icotuzanira umunezero nyakuri, icotuma umuntu yiyumvamwo ko afise agateka, hamwe n’icotugirira akunguko koko mu bihe bidashira. Arazi kandi igihe ciwe yashinze c’ugushitsa umugambi afise, arazi rero n’igikorwa kibereye rwose ko tukirangūra. Bitayeko, arazi neza ivyiyumviro hamwe n’imigenzo bishobora kumanura agaciro k’umuntu canke bikonona imigenderanire afitaniye n’abandi, mbere bikanamubuza kuronka imigisha izanwa n’Ubwami bw’Imana. Ivyo vyose arabitumenyesha abitumwe n’urukundo, biciye kuri Bibiliya hamwe no kw Ishirahamwe ryiwe riboneka. (Ab’i Galatiya 5:19-23; Mariko 13:10; gereranya no muri 1 Timoteyo 1:12, 13.) Ni twebwe rero dukwiye gufata ingingo y’ukuntu ivyo twovyakīra, dukoresheje ububasha twahawe n’Imana bw’ukugomba canke kwanka. Ni twaba tuzirikana ukuntu Adamu yitesheje umwidegemvyo abantu bari bahawe kuva mu ntango, twofata ingingo ziranga ubukerebutsi. Twokwerekana ko ubucuti dufitaniye na Yehova ari co kintu twitwararitse rwose mu buzima.
Kwipfuza Rwose Umwidegemvyo wo mu Bundi Buryo
10. Ni umwidegemvyo umeze gute bamwe bamwe mu bavuga ko ari abakirisu bāgerageje kuronka?
10 Hari aho abakiri bato bāronse indero y’Ivyabona vya Yehova, eka mbere n’abandi bantu batakiri bato rwose bumva bashaka kugira umwidegemvyo wo mu bundi buryo. Ivy’iyi si barashobora kubona ko bikayangana, kandi uko baguma bavyiyumvīra akaba ari ko icipfuzo co gukora ivyo ab’iyi si bakora gikomera. Ntibafata iciyumviro c’ukunywa ibiyayura umutwe, kuborerwa canke gusambana. Ahubwo batangura kugendana n’ab’iyi si harya bavuye kw ishure canke barangije akazi. Birumvikana ko bashaka gushimwa n’abo bagenzi babo bashasha, bagaca batangura kwigāna imvugo yabo n’imigenzo yabo.—3 Yohani 11.
11. Rimwe rimwe ni bande bosha abandi kugira ivyo?
11 Hari aho akosho k’ukwigenza nk’ab’iyi si gaturuka ku muntu yiyita ko akorera Yehova. Uko ni ko vyabaye muri Edeni igihe Shetani yahenda Eva, hamwe n’igihe Eva yahāta Adamu ngo agire nk’uko agize. No mu bakirisu ba mbere ivyo vyarabaye, kandi no muri iki gihe turimwo ivyo biraba. Kenshi na kenshi abantu ben’abo bakunda ibivyura inambu, bakipfuza cane ibinezereza rwose. Barahāta abandi ngo na bo ‘baryoherwe.’ ‘Basezerana umwidegemvyo kandi bo nyene ubwabo ari abaja b’ingeso mbi.’—2 Petero 2:18, 19.
12. (a) Ni ingaruka ki zirimwo umubabaro ziterwa n’imigenzo yo muri iyi si? (b) Abisuka muri ivyo ni baba bazi ingaruka yavyo, ni kuki none babandanya kubigira?
12 Ingaruka y’ivyo ntiba nziza. Ugushurashura bituma umutima wuzura amaganya. Birashobora no kukwanduza indwara canke bigatuma utwara imbanyi iteye isoni; birashobora no gusenya urugo. (Imigani 6:32-35; 1 Ab’i Korinto 6:18; 1 Ab’i Tesalonike 4:3-8) Kunywa ibiyayura umutwe mu buryo butabereye birashobora gutera ugushavuzwa n’ubusa, ukuvuga udevagura, ukubona ivyezeri, ibizunguzungu, ukudahēma neza, ukurazirana canke bikazana urupfu. (Gereranya no mu Migani 23:29-35.) Birashobora gutuma ubimogorera, uko kubimogorera na ko kurashobora kugushikana ku gukora ikibi kugira ngo utsimbataze iyo ngeso mbi. Abisuka mu migenzo ben’iyo mu bisanzwe barazi iyo izobashikana, ariko uko kwipfuza rwose ibivyura inambu hamwe n’ibibanezereza, bituma biyibagiza ingaruka yavyo. Bo babona yuko ukwo ari ko kwidegemvya, ariko mu nyuma atako bakibigira, bagasanga ni abaja b’icaha, icaha na co urazi ingene ciganzira umuntu nabi! Ivyo tubizirikanye ubu vyodufasha kwikingira kugira ngo ivyo ntibidushikire.—Ab’i Galatiya 6:7, 8.
Aho Ingorane Zitangurira
13. (a) Ivyipfuzo bitera ingorane nk’izo kenshi na kenshi bivyurwa n’iki? (b) Kugira ngo dutegere ‘abagenzi babi’ ico ari co dukwiye kubona ibintu gute? (c) Uko wishura ibibazo biri ku mpera y’ico gifungo, shimika cane ku kuntu Yehova abona ibintu. Sigura ikibazo kimwe kimwe ukwaco.
13 Icara wiyumvīre aho izo ngorane zikunda gutangurira. Bibiliya irabisigura, ngo “umuntu wese ageragezwa iyo akwezwe n’ivyo yifuza bikamusuka. Maze uko kwifuza gutwara inda kukavyara icaha, icaha kimaze gukura kikavyara urupfu.” (Yakobo 1:14, 15) Uko kwipfuza none kuvyurwa n’iki? Kuvyurwa n’ivyinjira mu bwenge, kenshi na kenshi bivuye ku kugendana n’abantu badakurikiza ingingo ziri muri Bibiliya. Ego niko twese turazi ko dukwiye kwirinda ‘abagenzi babi.’ Ikibazo rero ngiki: ni bande twokwita abagenzi babi? Ivyo Yehova abibona gute? Tuzirikanye ivyo bibazo n’ivyo Vyanditswe bikurikira vyodufasha gutora inyishu zibereye.
Ko abantu bamwe bamwe basa n’uko bisoneye, ni vyo vyerekana ko ari abagenzi beza? (Gereranya no mw Itanguriro 34:1, 2, 18, 19.)
Ibiyago vyabo, ngira ngo n’ibijajuro vyabo, vyoba biranga ko ducuditse rwose na bo? (Abanyefeso 5:3, 4)
Hariho impamvu yotuma tubabara ngo ni uko banse kwemera ivyo twebwe twemera vyerekeye imigambi y’Imana? (Gereranya no mw ikete rya 1 ku b’i Korinto 15:12, 32, 33.)
Yehova yokwumva amerewe ate duhisemwo kugendana n’abantu batamukunda? (Gereranya no mu gitabu ca 2 c’Ivyo ku ngoma 19:1, 2.)
Naho twoba dukorana akazi n’abatizeye canke tukaba tujana kw ishure, twokwerekana dute ko tutābagize abagenzi? (1 Petero 4:3, 4)
Kurāba televiziyo no gusoma ibitabu canke ibinyamakuru, na bwo nyene ni uburyo bwo kugendana n’abandi. Ni Ibiganiro ibihe dusanga muri ivyo bintu tuvuze dukwiye kwirinda muri iki gihe? (Imigani 3:31; Yesaya 8:19; Abanyefeso 4:17-19)
Ivy’uguhitamwo abagenzi vyereka Yehova iki ku vyerekeye ukuntu twebwe tumeze? (Zaburi 26:1, 4, 5; 97:10)
14. Ni umwidegemvyo nyakuri uwuhe urindiriye abakurikiza neza impanuro ziri mw Ijambo ry’Imana muri iki gihe?
14 Ya si nshasha y’Imana iri aho imbere iraturindiriye. Biciye ku Bwami bw’iyo Mana, abantu bazokurwa mu buja bw’akosho ka Shetani hamwe n’ak’iyi si mbi yayo yose. Akanenge kose kazanywe n’icaha kazoja karazimangana buke buke mu bantu. Ubuzima budashira mw iparadizo buzoba bubonetse kuri bo. Umwidegemvyo uhuje rwose n’“impwemu ya Yehova,” uzoruhira kuvyagira mu vyaremwe vyose. (2 Ab’i Korinto. 3:17, NW) Ntibwoba ari ubujuju twitesheje ivyo vyiza vyose kubera ukutitwararika muri iki gihe impanuro ziri mw ijambo ry’Imana? Uburyo dukoresha umwidegemvyo w’abakirisu dufise ubu, birashobora kugaragaza neza ko ico twese turondera vy’ukuri ari “ukwidegemvya [guhambaye kw]’abana b’Imana.”—Abaroma 8:21.
Ikiyago c’Ugusubiramwo
● Ba bantu babiri ba mbere Imana yari yabahaye umwidegemvyo umeze gute? Uwo mwidegemvyo wogereranywa gute n’uwo abantu bafise muri iki gihe?
● Ni umwidegemvyo uwuhe abakirisu nyakuri bafise utandukanye n’uwo muri iyi si? Ivyo bishoboka gute?
● Ni ibiki bishikira abarondera umwidegemvyo iyi si ifise?
● Ni kuki kwirinda ‘abagenzi babi’ bifise akamaro rwose? Twemera ingingo zashinzwe na nde zerekeye ikibi tukanka kumera nka Adamu?