Ikigabane ca 4
Uwo Abamenyeshakazoza Bose Bashingiye Intahe
1. Ivyerekeye ubuzima bwa Yezu ataraba umuntu vyerekana ko yari afitaniye ubucuti nyabaki na Yehova?
YEZU mu kwigana ivy’ubucuti nyakuri afitaniye na Yehova yavuze ati: “Se akunda Umwana, akamwereka ivyo [vyose we nyene ubwiwe] akora.” (Yohani 5:19, 20) Ubwo bucuti nyakuri bwatanguye igihe yaremwa, imyaka ibihumbi n’ibihumbi imbere y’uko avyarwa ari umuntu. Yari Umwana w’Ikinege w’Imana, uwiremewe na Yehova ubwiwe. Ibindi biremwa vyose biri mw ijuru no kw isi, vyaremwe biciye kuri uwo Mwana w’imfura mukundwa rwose. Yarigeze no kuba Umuvugizi w’Imana, ūmenyesha abandi ivyo Imana igomba. Uwo Mwana Se yari afitiye igishika, ni we yabaye wa muntu bita Yezu Kirisitu.—Ab’i Kolosayi 1:15, 16; Yohani 1:14; 12:49, 50.
2. Ivyanditswe menyeshakazoza vya Bibiliya vyerekeye Yezu bingana iki?
2 Imbere y’uko avuka nk’umuntu mu buryo butangaje, hābanje kwandikwa umunyevu w’Ivyanditswe menyeshakazoza bihumetswe n’Imana. Nk’uko intumwa Petero yabishingiye intahe abwira Koroneliyo, “[abamenyeshakazoza] bose bamushingiye intahe.” (Ivyakozwe n’intumwa 10:43) Bibiliya yarerekanye ivy’uko Yezu ari n’uruhara runini arangūra mu vy’ugusenga Imana kutagira amahinyu, gushika aho n’umumarayika abwira intumwa Yohani ati: “Senga Imana; kuko ugushingira intahe Yezu ari ko gutuma haba ivy’ukumenyesha kazoza.” (Ivyahishuriwe Yohani 19:10, NW) Ayo majambo menyeshakazoza aramuranga rwose kandi akerekeza ivyiyumviro ku mugambi w’Imana urimwo imice itameze kumwe imwerekeye, iyo dukwiye kuzirikana rwose muri iki gihe.
Ico Ivyanditswe Menyeshakazoza Vyahishuye
3. (a) Mu Canditswe menyeshakazoza co mw Itanguriro 3:14, 15, “inzoka” yari ikigereranyo ca nde? ‘Umugore’ we bite? ‘Uruvyaro rw’inzoka’ rwo? (b) Ni kuki abasavyi ba Yehova bakwiye kwitaho rwose ivy’‘ugufyonyora inzoka ku mutwe’?
3 Icanditswe ca mbere mu birimwo amajambo menyeshakazoza, cavuzwe mu nyuma y’aho habereye ubugarariji muri Edeni. Kirimwo amajambo Yehova yabwiye inzoka mu kuyicirako iteka. Yavuze ati: “Nzoshira inyankane hagati yawe n’uyu mugore, no hagati y’uruvyaro rwawe n’urwiwe: [ruzogufyonyora umutwe nawe uzorufyonyora] igitsintsiri.” (Itanguriro 3:14, 15) Ivyo bishaka kuvuga iki? Aho igihe cashinzwe n’Imana kimariye kugera, ibindi Vyanditswe menyeshakazoza vyaragisiguye cane gica kirumvikana neza. Ubu rero turazi ko uwo yavugwa agereranijwe n’inzoka ari Shetani wa Mucokoranyi. Uwiswe ngo “uyu mugore,” ni Ishirahamwe ry’ibiremwa bidahemuka vya Yehova biri mw ijuru, kuri we rimeze nk’umugore w’umugumyabanga. ‘Uruvyaro rw’inzoka’ ni abamarayika hamwe n’abantu berekana agatima nk’aka wa Mucokoranyi, bakarwanya Yehova n’abantu biwe. Turavye ukuntu inzoka yakoreshejwe na Mucokoranyi muri Edeni, twoshobora gutahura dukoresheje Ivyanditswe menyeshakazoza, yuko ‘ugufyonyorwa kw’inzoka ku mutwe,’ ari ukuzosangangurwa kw’uyo mwana w’Imana w’umugarariji, we yacōkōye Yehova, akazanira abantu amarushwa menshi. Ku vyerekeye gutahura “uruvyaro” rwofyonyoye iyo nzoka, vyamaze igihe kirekire ari ibanga ryeranda.—Abaroma 16:25, 26.
4. Ivyerekeye abo Yezu yakomotseko bidufasha gute gutahura ko ari we ruvyaro rwatanzweko umuhango?
4 Hāheze imyaka ishika nka 2 000 kuva abantu babayeho, Yehova yongerako iyindi nsiguro. Yarerekanye ko urwo ruvyaro rwoturutse mu rura rwa Aburahamu. (Itanguriro 22:15-18) Ariko ivy’ugutorwa kw’umuryango urwo ruvyaro rwovutsemwo ntivyari kuva ku gukomoka kuri Aburahamu gusa, Imana ni yo yokwihitiyemwo. Naho Aburahamu yakunda Ishimayeli uwavutse kuri wa mushumba Hagari, Yehova yavuze ashikamye ati: “Ariko isezerano ryanje nzorikomeza na Isaka, uwo muzovyarana na Sara.” (Itanguriro 17:18-21; 21:8-12) Mu nyuma iryo sezerano ryaratsimbatajwe, si kuri Esau imfura ya Isaka, ariko kuri Yakobo uwo ya miryango 12 y’Abisirayeli yakomotseko. (Itanguriro 28:10-14) Mu nyuma yarerekanye ko urwo ruvyaro rwovutse mu muryango wa Yuda, mu nzu ya Dawidi.—Itanguriro 49:10; 1 Ngoma 17:3, 4, 11-14.
5. N’igihe Yezu yari agitangura igikorwa-ngenerwa ciwe, ni igiki kindi cagaragaje ko yari Mesiya?
5 Bibiliya yaravuze izina Betelehemu ko ari ho urwo ruvyaro rwovukiye mu buryo bw’umuntu hagisigaye imyaka irenga 700 ngo ivyo bishike, itako irahishura ko uwo yovutse amamo yiwe “yahereye kera hose, ibihe n’ibindi,” kuva igihe yaremerwa mw ijuru. (Mika 5:2) Igihe c’uko yomenyekanye kw isi ari Mesiya uwasīzwe na Yehova, cari caravuzwe n’umumenyeshakazoza Daniyeli. (Daniyeli 9:24-26) N’igihe yasīgwa impwemu yera, ijwi rivuye mw ijuru ryaramuranze. (Matayo 3:16, 17) Ni co gituma igihe Filipo yari amaze kuba umugendanyi wa Yezu, yavuze ashize agashwira ati: “Uwo Musa yanditse mu vyagezwe, n’[abamenyeshakazoza] bakamwandika, twamubonye, ni Yezu w’i Nazareti mwene Yozefu (umurezi wiwe).”—Yohani 1:45.
6. (a) Ni ibiki abagendanyi ba Yezu bahavuye batahura amaze gupfa? (b) Mu bisanzwe ni nde ari ‘uruvyaro rw’umugore,’ kandi ivy’ugufyonyora inzoka ku mutwe bishaka kuvuga iki?
6 Mu nyuma y’aho, abagendanyi ba Yezu bahavuye batahūra rwose ko umunyevu koko w’Ivyanditswe menyeshakazoza bimwerekeye winjijwe mu Vyanditswe vyose vyahumetswe n’Imana. Mu nyuma y’aho apfiriye agatako akazuka, we nyene ubwiwe “atangurira kuri Musa no ku [bamenyeshakazoza] bose, abasobanurira mu vyanditswe vyose ivyanditswe kuri we.” (Luka 24:27) Ubu biragaragara ko Yezu ari we ‘ruvyaro rw’uyo mugore’ rukuru, rumwe rufyonyora “inzoka” ku mutwe, gushika aho iyo Shetani iteba igasangangurwa. Imihango yose Imana yahaye abantu, ibintu vyose twipfuza cane, bizoranguka biciye kuri Yezu.—2 Ab’i Korinto 1:20.
7. Turetse ugutahura uwo ivyo Vyanditswe menyeshakazoza vyerekeye, ni igiki kindi cotugirira akunguko tukizirikanye?
7 Igihe wasoma ubwa mbere bimwe bimwe muri ivyo Vyanditswe menyeshakazoza, woba waribajije nka wa muntu mukuru w’umunyetiyopiya uti: ‘Uyu mumenyeshakazoza yavuze ayo majambo kuri nde?’ Nya mukuru aho amariye kuronka inyishu, ntiyumvise ko akanyota gaheze. Amaze gutega ugutwi insiguro ya Filipo, nya mushingantahe yaciye atahūra ko ivy’ugukenguruka ukuntu Yezu yarangūye ivyo Vyanditswe menyeshakazoza, bimusaba kugira ikintu: kubatizwa. (Ivyakozwe n’intumwa 8:32-38; Yesaya 53:3-9) Kwoba ari uko na wewe ubibona? Hari aho usanga rimwe rimwe ikidushika ku nyota rwose ari uburyo inkuru menyeshakazoza yavuzwe mu Vyanditswe, canke hari aho tunyurwa n’amajambo Bibiliya ubwayo yasozerereyeko mu kuvuga ivy’iranguka ryayo.
8. Aha hari ibigereranyo menyeshakazoza bine vyerekeye Yezu Kirisitu. Tohoza ivyo bibazo n’ivyo Vyanditswe vyatanzwe, ugaragaze ukuntu ivyo Vyanditswe menyeshakazoza bitwerekeye. Tohoza kimwe kimwe.
8 Soma ivy’iyi mihango menyeshakazoza hamwe n’ibi bigereranyo vyerekeye Yezu Kirisitu wirabire ko atari uko nyene biri. Niwishure ivyo bibazo ukoresheje ivyo Vyanditswe.
(1) Inkuru yerekeye ukuntu Aburahamu yagerageje gutangako inkuka Isaka, idufasha gute gushimishwa n’ivyo Yehova yagize mu kuturonkera incungu biciye ku Mwana wiwe? (Yohani 3:16; Itanguriro 22:1-18 [raba ibivugwa kuri Isaka ku murongo wa 2.])
Ivyo bikwiye guca bituma tugira icizigiro nyabaki? (Abaroma 8:32, 38, 39)
Ariko twebwe dusabwa gukora iki? (Itanguriro 22:18; Yohani 3:36)
(2) Ni igikorwa ikihe gihambaye Bibiliya itwibutsa igihe iranga Yezu ko ari umumenyeshakazoza ameze nka Musa? (Ivyakozwe n’intumwa 3:22, 23; Gusubira mu vyagezwe 18:15-19)
Bimwe bimwe mu vyo Yezu yatumenyesheje ni ibihe, kandi ni kuki biri n’ico bivuze n’ubu? (Matayo 28:18-20; 19:4-9; 18:3-6)
(3) Igihe Bibiliya isigura ico ivyerekeye umuherezi Aroni vyabereye igitutu, ni kamere izihe z’agakūra z’umuhērezi mukuru Yezu igaragaza? (Abaheburayo 4:15–5:3; 7:26-28)
Dukwiye rero kwumva tumerewe gute igihe twambaza Imana biciye kuri Kirisitu kugira ngo idufashe gutsinda akageso twoba dufise?
(4) Twihweje ukuntu inkuka ya Yezu ihambaye gusumba (ni yo yasubiriye izari zarategekanijwe n’Ivyagezwe vya Musa vyose), ni kuki dukwiye kwitonda rwose tukirinda akamenyero k’ugukora ico cose tuzi ko kidashimisha Imana? (Abaheburayo 10:26, 27)
Niba mu vy’ukuri duhimbarwa n’icizigiro c’ukuronka ubuzima dukesha inkuka Yezu yatanze, ni ibiki twokorana ubwira bwinshi? (Abaheburayo 10:19-25)
Twokwerekana Gute ko Twizeye Kirisitu?
9. Ni kuki ata bukiriro tworonka butavuye kuri Yezu Kirisitu?
9 Intumwa Petero imaze kumenyesha sentare nkuru y’Abayahudi yari i Yeruzalemu ukuntu Ivyanditswe menyeshakazoza vyarangukiye muri Yezu, mu gusozera yaravuze ashikamye ati: “Nta wundi agakiza kabonerwamwo, kuko ata rindi zina musi y’ijuru ryahawe abantu dukwiye gukirizwamwo.” (Ivyakozwe n’intumwa 4:11, 12; Zaburi 118:22) Abakomotse kuri Adamu bose ni abacumuzi, n’urupfu rwabo rwazanywe n’uko baciriweko iteka kubera icaha, ni co gituma ata gaciro rufise kotuma rukoreshwa ngo rucungure umuntu uwo ari we wese. Ariko Yezu we ntiyagira agahonzi, ukwicwa kwiwe rero kwari gufise agaciro gashobora kuba inkuka. (Zaburi 49:6-9; Abaheburayo 2:9) Yarashikaniye Imana incungu y’igiciro kiringaniye rwose n’ico Adamu yabujije uruvyaro rwiwe ko ruronka. Ivyo twabironkeyeko akunguko nyabaki?—1 Timoteyo 2:5, 6.
10. Sigura uburyo bumwe bwerekana ukuntu inkuka Yezu yatanze tuyironkerako akunguko koko.
10 Vyatumye tugira umutima utarimwo ijwi ritwagiriza ikibi, kubera uguharirwa ivyaha—ivyo bikaba biruta kure n’iyo ivyo Abisirayeli bashoboye gushikīra mu gutangako inkuka ibitungwa bakurikije Ivyagezwe vya Musa. (Ivyakozwe n’intumwa 13:38, 39; Abaheburayo 9:13, 14) Birumvikana rero ko ivyo bisaba kugira umutima nziraburyarya, tukerekana ko twizeye koko Yezu Kirisitu. Twebwe ubwacu twoba tubona ko dukeneye iyo nkuka ya Kirisitu? “Tuvuze yuko ata caha dufise, tuba twizimiza, ukuri ntikuba kuri muri twebwe. Ni twatura ivyaha vyacu, ni [mudahemuka] kandi [ni intungane], ivyo ni vyo bituma iduharira ivyaha vyacu, ikatwoza ukugabitanya kwose.”—1 Yohani 1:8, 9.
11. Ni kuki ukwibizwa mu mazi ari ikintu gihambaye mu vy’ukugira umutima utarimwo ijwi ritwagiriza ikibi imbere y’Imana?
11 Ego ni ko hariho abavuga ko bazi yuko ari abacumuzi bakigira kandi ngo barizeye Yezu, mbere na bo nyene bakamenyesha abandi ivy’Ubwami bw’Imana nka Yezu, ariko mu nyuma bakabiheba kubera ukutizera Yezu bimwe bishitse. Ivyo bishoboka gute? Nk’uko Bibiliya ibivuga, mu kinjana ca mbere, abizera vy’ukuri bāvyerekana gute? Bāca babatizwa. Kubera iki? Kubera ko Yezu yategetse abayoboke biwe kubatizwa. (Matayo 28:19, 20; Ivyakozwe n’intumwa 8:12; 18:8) Igihe umuntu yumvise ko anyuzwe n’ibiranga urukundo vyatunganijwe na Yehova biciye kuri Yezu Kirisitu, ntashobora kwiyumanganya. Arahindura ukuntu abayeho, akihebera Imana agatako akavyerekana mu kwibizwa mu mazi. Nk’uko Bibiliya ibivuga, yerekanye ukwizera muri ubwo buryo ni ho ‘asaba Imana umutima utarimwo ijwi rimwagiriza ikibi.’—1 Petero 3:21.
12. Igihe tubonye yuko dukoze icaha, dukwiye guca tugira iki, kubera iki?
12 Ego ni ko, no mu nyuma y’aho, kamere iranga ivyaha iguma yibonekeza. Vyogenda gute none? “Mbandikiye ivyo kugira ngo ntimukore icaha,” uko ni ko intumwa Yohani yavuze. Ntidukwiye rero gufata minenegwe ivyaha biri muri twebwe, niba ari ivyibonekeza mu bikorwa, mu majambo canke mu vyiyumviro. “Kandi ni hagira umuntu akora icaha, dufise [ūdufasha kwa] Data wa twese, ni Yezu Kirisitu [ya ntungane], kandi uwo ni we mpongano y’ivyaha vyacu, mugabo si iy’ivyacu twenyene, ariko ni iy’ivy’abari mw isi bose.” (1 Yohani 2:1, 2) Ivyo bishaka kuvuga yuko naho twokora ivyo dushaka vyose, dupfuye kwambaza Imana duti: ‘Tubabarire ivyaha vyacu,’ vyose bica bitungana? Oyaye. Impamvu nkuru ituma tubabarirwa ni ukwihana vy’ukuri. Gufashwa n’abakurambere mw Ishengero, na vyo nyene birashobora gukenerwa. Dutegerezwa gutahura ikibi twakoze uko kingana, tukiyumvamwo ko kitubabaje koko, bigatuma twihata rwose kugira ngo ntitugisubire. (Ivyakozwe n’intumwa 3:19; Yakobo 5:13-16) Tubigenjeje gutyo, twoshobora kwizigira tudakēka ko Yezu yodufasha. Kubera ukwizera igiciro c’inkuka Yezu yatanzeko impongano, ivy’ugusubira gutona kuri Yehova birashoboka, kandi ivyo biri n’akamaro koko niba dushaka yuko ashimishwa n’uburyo tumusenga.
13. (a) Sigura ubundi buryo inkuka ya Yezu twayironkeyeko akunguko. (b) Ni kuki igikorwa dukorera Imana kidashobora kuducira iyo mpera? (c) Ariko ni twaba dufise ukwizera koko ni igiki twokora?
13 Kandi inkuka ya Yezu yaratwugururiye inzira y’ukuronka ubuzima budashira—mw ijuru ku “busho buto,” mw iparadizo yo kw isi ku bandi bantu amamiliyaridi n’amamiliyaridi. (Luka 12:32; Ivyahishuriwe Yohani 20:11, 12; 21:3, 4) Iyo si impēra turonka kubera ko tuyiciye. Naho twokorera Yehova bingana gute, ntituzokwigera dukwiza ivyotuma abona ko ategerezwa kuduha ubuzima. Ubuzima budashira ni ‘ingabire y’Imana ibonerwa muri Kirisitu Yezu Umukama wacu.’ (Abaroma 6:23; Abanyefeso 2:8-10) Ariko ni twaba twizeye iyo ngabire tukaba kandi dushimishwa n’uburyo bwategekanijwe bw’ukuyironka, ivyo dukwiye kubigaragaza. Ni twaba dutahura ukuntu Yehova yakoresheje Yezu mu buryo bw’agatangaza kugira ngo arangūre ivyo agomba, hamwe n’ukuntu ivy’uko twese dushobora kugera ikirenge mu ca Yezu bifise akamaro koko, igikorwa-ngenerwa ca zina mukirisu twocitwararika rwose mu buzima bwacu. Ukwizera dufise kwokwibonekeza bivuye ku buryo twiganira abandi ivy’iyo ngabire y’agakura y’Imana nk’abantu nyene banyuzwe.—Gereranya no mu Vyakozwe n’intumwa 20:24.
14. Uko kwizera Yezu Kirisitu gushobora kuzana ubumwe gute?
14 Ese ingene uko kwizera ari akaroruhore kandi gutuma haba ubumwe! Ni kwo gutuma twunga ubucuti bukomeye na Yehova, n’Umwana wiwe hamwe n’abakirisu turi kumwe mw Ishengero. (1 Yohani 3:23, 24) Gutuma duhimbarwa kubera ko Yehova yerekanye ubuntu agaha Umwana wiwe “rya zina rirengeye ayandi mazina yose (kiretse iry’Imana), kugira ngo amavi yose aze apfukame mw izina rya Yezu, ay’ivyo mw ijuru n’ay’ivyo kw isi n’ay’ivy’i kuzimu, kandi indimi zose zize zature yuko Yezu Kirisitu ari [we Mukama], ngo biheshe Imana Data wa twese icubahiro.”—Ab’i Filipi 2:9-11.
Ikiyago c’Ugusubiramwo
● Igihe Mesiya yashika, ni kuki abemera koko ibiri mw Ijambo ry’Imana bitabagoye kumutahura?
● Ibigereranyo menyeshakazoza vyarangukiye muri Yezu nk’uko vyerekanwa ku rupapuro rwa 34, bitegerezwa kuba bitwerekeye gute?
● Ni mu buryo ki inkuka ya Yezu imaze kutugirira akunguko? Twokwerekana dute ko ivyo tubikengurutse?
[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 34]
Ibigereranyo Menyeshakazoza Biraba Yezu—Bitegerezwa Kuba Bikwerekeye Gute?
Aburahamu atangako inkuka Isaka
Musa, umuvugizi w’Imana
Aroni umuhērezi mukuru
Inkuka z’ibitungwa