ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g20 no. 3 rup. 8-9
  • Nubone iciza mu bandi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nubone iciza mu bandi
  • Be maso!—2020
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ingorane
  • Ico Bibiliya ivuga
  • Ico wokora
  • Iherezo ry’ivyo kwinubana
    Be maso!—2004
  • Ukwinubana​—Woba umaze kwandukirwa?
    Be maso!—2020
  • Kwishiramwo nabi abandi bizohera ryari?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Kwishiramwo nabi abandi ni ingorane ihanze isi yose
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
Ibindi
Be maso!—2020
g20 no. 3 rup. 8-9
Udufoto: 1. Abubakanye barashavujwe n’uko umugore atabona abatangiriye aho baca bariko bihuta. 2. Mu nyuma, baratangariye wa mugore atabona ariko acuraranga mu giteramo.

Nubone iciza mu bandi

Ingorane

Kwiyemera birashobora gutuma twinuba abandi. Umuntu yiyemera ararenza urugero mu kuntu abona ibimwerekeye. Yiyumvira ko aruta abandi, akabona ko abantu batandukanye na we basuzuguritse. Uwo ari we wese arashobora kugwa muri uwo mutego. Igitabu kimwe c’inkoranyabumenyi (Encyclopædia Britannica) kigira giti: “Naho bitaba ku rugero rumwe, abantu bo mu mico kama nka yose usanga babona ko uburyo babayeho, ibifungurwa vyabo, ivyambarwa vyabo, ingeso zabo, ivyo bemera, ivyo baha agaciro be n’ibindi, bisumba ivy’abandi.” None twokwirinda gute ubwo buryo bwo kwiyumvira bugoramye?

Ico Bibiliya ivuga

“Mwiyumvir[e] mwiyoroheje mu muzirikanyi yuko abandi babaruta.”​—ABAFILIPI 2:3.

Bisobanura iki? Kugira twirinde ubwibone, dukeneye gutsimbataza igihushane cabwo, na co akaba ari ukwicisha bugufi. Ukwicisha bugufi gutuma twemera ko abandi baturuta mu mice imwimwe y’ubuzima. Nta mugwi n’umwe w’abantu wiharije kamere nziza zose be n’ububangukirwe bwose.

Rimbura akarorero k’uwitwa Stefan. Naho yakuriye mu gihugu c’Abakomunisita yaratsinze agatima ko kwinuba abantu batari abo mu bihugu vy’abakomunisita. Avuga ati: “Ndemera ko iyo umuntu abonye ko abandi bamuruta bihambaye kugira atsinde agatima ko kwinubana. Sinzi vyose. Rero, umuntu wese ndashobora kugira ico ndamwigiyeko.”

Ico wokora

Nugerageze kutarenza urugero mu kuntu ubona ibikwerekeye kandi wemere ko ukora amakosa. Nutahure ko abandi bashobora gukora ibintu bimwebimwe kukurusha. Niwirinde kwiyumvira ko abantu bo mu mugwi kanaka bose bafise utunenge tumwe.

Aho kwihutira kwiyumvira nabi umuntu wo mugwi kanaka, niwibaze uti:

Nutahure ko abandi bashobora gukora ibintu bimwebimwe kukurusha

  • ‘Ivyo nanka kuri uyo muntu vyoba koko ari bibi canke ni uko gusa atandukanye nanje?’

  • ‘Hoba hari utunenge uwo muntu ashobora kumbonako?’

  • ‘Ni ibiki uwo muntu ashobora gukora neza kundusha?’

Hamwe wokwishura ivyo bibazo utibeshe, woshobora gutsinda ukwinubana ukwo ari ko kwose woba ufise ukongera ukabona ivyiza muri uwo muntu.

Akarorero k’ivyabaye koko: Nelson (muri Amerika)

“Imyaka yanje y’ubuto nka yose nayimaze mu karere wasanga abantu nka bose bafise ibara rimwe ry’urukoba kandi babayeho kumwe. Ariko igihe nimukira mu gisagara kinini kugira nkorere mw’ihinguriro rimwe, nari nsigaye nkorana n’abantu b’amabara y’urukoba atandukanye, baciye mu bintu no mu mico kama itandukanye, kandi twarabana.

“Uko narushiriza kumenya abo twakorana no kubagira abagenzi, nariboneye ko ibara ry’urukoba ryabo, ururimi kavukire rwabo be n’ubwenegihugu ata co vyasa bisana n’umwete bari bafise ku kazi, ukuntu bari abizigirwa be n’ingene biyumva.

“Mu nyuma narubakanye n’umugore tudasangiye igihugu n’ibara ry’urukoba maze ndahimbarwa no kumenya ubwoko butandukanye bw’ibifungurwa be n’umuziki ntari menyereye. Ubuzima bwaranyigishije ko twese dufise aho tugoyagoya be n’aho dukomeye. Ntabeshe, nararushirije kuba umuntu mwiza kubera nihweje kamere nziza z’abantu bafise ibara ry’urukoba n’imico kama bitandukanye cane n’ivyanje.”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika