ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 12/15 rup. 3
  • Ni igiki gitera amatati mu muryango?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ni igiki gitera amatati mu muryango?
  • Be maso!—2015
  • Ivyo bijanye
  • Yakobo na Esawu basubira gukundana
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Yarakingiye umuryango wiwe abigiranye umutima rugabo
    Gendana n’Imana n’umutima rugabo
  • Icogufasha kuzigama amahoro mu muryango
    Be maso!—2015
  • Amahasa Adasa
    Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya
Ibindi
Be maso!—2015
g 12/15 rup. 3
Abana bahagaritse umutima bariko bumviriza abavyeyi babo bariko barashwana

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | KURONKA AMAHORO MU RUGO

Ni igiki gitera amatati mu muryango?

SARAHa wo muri Gana amaze imyaka 17 yubakanye na Jacob. Yiyemerera ati: “Akenshi turashwana dupfa amahera.” Asigura ati: “Ndababazwa no kubona nkora ivyo nshoboye vyose kugira nitwararike umuryango wacu ariko Jacob akaba atigera ambwira ukuntu ubutunzi bw’umuryango bwifashe. Hari igihe tumara amayinga ata wuvugisha uwundi.”

Umugabo wiwe Jacob avuga ati: “Ivyo ni vyo. Birashika tugaterana amajambo. Kenshi biva ku kudatahurana no kutaganira neza. Hari igihe kandi biva ku gutwarwa n’ishavu.”

Nathan wo mu Buhindi aheruka kwubaka urwiwe. Aratwiganira ivyashitse igihe sebukwe yakankamira inabukwe. Avuga ati: “Mabukwe vyaramushavuje aca aratekera utwiwe arigira. Igihe nabaza databukwe igituma yakankamiye mabukwe ukuraho, yavyakiriye nk’igitutsi. Mu nyuma nahavuye menya ko yariko abwira twese.”

Ngira nawe uramaze kubona ko n’amajambo makeyi ashobora kuvyura amatati akomeye mu rugo, igihe avuzwe mu mwanya utabereye. Mushobora gutangura kuganira mutekanye mugabo bidatevye ico kiyago kigahinduka uguhazuka. Nta muntu yama avuga ibibereye igihe cose. Biroroshe rero ko dutahura abandi ukutari kwo. Naho ari ukwo, mu muryango murashobora kwumvikana kandi hakarangwa amahoro.

Wokora iki igihe mutanguye guhazuka? Ni ibiki vyogufasha kugarukana amahoro n’akayaga keza mu muryango? Imiryango yokora iki kugira izigame amahoro mu rugo? Raba ikiganiro gikurikira.

a Muri ibi biganiro, bamwebamwe si ko basanzwe bitwa kubera ko bitashimwe ko bamenyekana.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika