ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 8/14 rup. 16
  • Ingene ibaba ry’ikinyugunyugu rikwega umuco

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ingene ibaba ry’ikinyugunyugu rikwega umuco
  • Be maso!—2014
  • Ivyo bijanye
  • Ibaba ry’ikinyugunyugu
    Be maso!—2014
  • Ivyigwa vyanje vya Bibiliya
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Icigwa ca 1
    Ivyigwa vyanje vya Bibiliya
  • Ibirimwo
    Be maso!—2014
Be maso!—2014
g 8/14 rup. 16
Ikinyugunyugu

VYOBA VYARIYADUKIJE?

Ingene ibaba ry’ikinyugunyugu rikwega umuco

ABAHINGA mu vya siyansi baripfuza cane ko abantu batoguma bakoresha gusa amasôko ntanganguvu yo mu kuzimu. Ku bw’ivyo, bariko bariga ingene botuma ivyuma bihingura umuyagankuba bikoresheje imishwarara y’izuba birushiriza gukwega umuco. Umuhinga umwe yavuze ati: “Umuti w’ico kibazo ushobora kuba . . . wamye uri ng’aho imbere y’amaso yacu.”

Utugaragamba two kw’ibaba ry’ikinyugunyugu dufise udutoboro tumeze nk’utw’ikimamara

Utugaragamba two kw’ibaba ry’ikinyugunyugu turafise udutoboro tumeze nk’utw’ikimamara

Rimbura ibi: Kugira ngo ibinyugunyugu bigume bisusurutse mu gihe c’imbeho, birasanza amababa yavyo ku zuba. Amababa y’ibinyugunyugu bimwe vyo mu bwoko bwitwa porte-queues birafise ubushobozi budasanzwe bwo gukwega no kuzigama umuco w’izuba. Ubwo bushobozi ntibuva gusa kw’ibara ryavyo ryirabura, ariko kandi buva ku kuntu utugaragamba dutoduto cane tugerekeranye two ku mababa yavyo tumeze. Utwo tugaragamba usanga tugizwe n’imirongorongo y’udutoboro nk’utw’ikimamara dutandukanijwe n’ico twokwita uduhome tumeze nk’urudome V rwubitse. Utwo duhome dutuma umuco winjira neza muri utwo dutoboro. Ukwo kuntu ayo mababa akozwe mu buryo bw’ubuhinga kuratuma umuco w’izuba winjiyeyo udasohoka, ivyo bigatuma ayo mababa aca yirabura cane kandi ikinyugunyugu kigasusuruka bimwe bitangaje.

Ikinyamakuru kimwe (Science Daily) kivuga giti: “Amababa y’ikinyugunyugu ashobora kuba ari mu tuntu tworoshe gusumba utundi mu bidukikije. Mugabo yarafashije cane abashakashatsi kuronka ivyiyumviro ku bijanye n’ubuhinga bushasha bokoresha kugira bagwize na kabiri umwuka witwa idurojene (hydrogène) bakura mu mazi bakoresheje umuco w’izuba. Uwo mwuka ni isôko ntanganguvu ridatosekaza ibidukikije rizofasha cane muri kazoza.” Abahinga barashobora no kuzohingura udukoresho dukorana n’umuco be n’ivyuma bihingura umuyagankuba biwukuye mu mishwarara y’izuba, bakabigira barabiye kuri ayo mababa y’ikinyugunyugu.

None uvyibazako iki? Kuba amababa y’ikinyugunyugu akozwe muri ubwo buryo butuma akwega umuco, coba ari ikintu ciyadukije? Canke hariho uwagishizeho?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika