ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • g 7/14 rup. 3
  • Udukuru tw’irya n’ino

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Udukuru tw’irya n’ino
  • Be maso!—2014
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika
  • Muri Espanye
  • Mw’Ibahari Pasifike
  • Émirats Arabes Unis
  • Kunywa ukarenza urugero hari ikibi kirimwo?
    Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro, Igitabu ca 1
Be maso!—2014
g 7/14 rup. 3

UDUKURU TW’IRYA N’INO

Muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika

Ifirigo irimwo utuntu duke

Urwego ruraba ivy’uburimyi ruvuga ko mu 2012, ibice 14,5 kw’ijana vy’ingo zo muri ico gihugu, ni ukuvuga abantu imiliyoni 49, vyashitse “barabura ibifungurwa bikwiye vyo kugaburira abo mu ngo zabo bose canke baribaza nimba bazobironka.”

Muri Espanye

Umugabo ariko aranywa inzoga zirenze urugero

Itohoza rimwe ryagizwe ku banyeshure bo muri kaminuza, ryarerekanye ko ibice nka 56 kw’ijana vy’ab’igitsina-gore na 41 kw’ijana vy’ab’igitsina-gabo bemeye ko bamaze kunywa inzoga zirenze urugero. Iryo tohoza risigura ko ukwo kunywa ari ukunywera rimwe n’imiburiburi ibirahuri umunani vy’inzoga ku b’igitsina-gabo canke ibirahuri bitandatu ku b’igitsina-gore. (Ico kirahuri kingana n’inusu y’icupa)

Mw’Ibahari Pasifike

Ibahari Pasifike

Abahinga baratoye bikeyi ku binyabuzima biba epfo cane mu mazi y’agace kitwa la fosse des Mariannes, ku metero nka 11.000. Basanze utunyabuzima twitwa bagiteri n’utwitwa mikorobe bigwiriyeyo naho biba ahantu hari umwiza w’umuzitanya, ubukanye bwinshi cane n’uburemere bukomeye bw’amazi. Vyahora vyiyumvirwa ko ibinyabuzima biba epfo cane ukuraho vyoba imbonekarimwe.

Émirats Arabes Unis

Ibingorongoro vy’inzahabu biriko birapimwa ku munzane

Mu ntumbero yo kurwanya ukuvyibuha birenze urugero gutera kwongerekana, mu mwaka uheze abategetsi b’i Dubayi baremereye abahaba yuko ku kilo kimwekimwe cose batakaza bobahaye igarama imwe y’inzahabu, ico gihe ikaba yari ifise agaciro k’amadolari nka  45 y’Abanyamerika (nk’amarundi arenga 69.000). Kugira baronke iyo nzahabu, babwirizwa kwiyandikisha maze bagatakaza n’imiburiburi ibilo 2 mu kwezi kwa Ramazani.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2026 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika